25/01/2024
🔴😍 INKURU Y’UMUNSI: Umukenyezi w'umurundikazi w'imyaka 60, yaraye yibarutse ikibondo, ukuri kwamye!
=================
Ku mazina yiwe yose yitwa Carine BARANTWARIJE. Ni Umukenyezi w’umushingantahe Léonard Rubangara. Yaraye yibarutse ikibondo babanje kumubaga ku bitaro vya « Tanganyika Hospital » vyo mu gisagara ca Bujumbura.
👀 Muti ivyo bishoboka gute ? : Uwo mukenyezi yatwaye iyo mbanyi habanje gukoreshwa bwa buhinga bwo guteraniriza intanga hanze y'imibiri (fécondation in vitro) hanyuma zimaze gufatana zikaba urubuto rumwe rugaheza rukarungikwa mu gitereko c'umukenyezi hakoreshejwe ubuhinga bwo kwa muganga.
🔹 Uwo mukenyezi, avuka ku Mutumba Muhweza, muri Komine n’intara ya Muramvya, yarongowe na Léonard RUBANGARA ( Ubu ari muri Pension) mu mwaka wa 1992, akaba atari bwaronke umwana n'umwe. Ariko kubw’ubwo buryo, akaba yibarutse umwana w'umuhungu w'ibiro bibiri n'amagarama amajana indwi(2,7kg). Uwo muryango usanzwe uba muri Quartier KINANIRA 3, muri Komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura.
Umugabo wiwe, Léonard RUBANGARA akaba ashimira Imana kuba umuryango wiwe uronse ikibondo mu buryo budasanzwe .
📸 : LeRenouveau