16/06/2023
Iri Jambo ryanfashije
Uriyubara igihe uzibonako bino bimenyetso mu buzima bwawe.
1. Uzobe maso igihe gusenga Imana bihindutse ikintu kigoye kuri wewe.
2. Uzobe maso mu gihe kwisonzesha bibaye umugani mu nteguro zawe mu vya Mpwemu.
3. Uragaba igihe wumva utakinezerwa n'ugusoma ijambo ry'Imana.
4. Uragaba igihe gukora ibikorwa vy'Imana bikubereye umutwaro ukomeye aho kukubera umuhezagiro.
5. Uzobe maso igihe uzumva kubaho wejejwe bigutera kwumva uri nko mw'ibohero.
6. Uragaba igihe uzumva kwibanira n'abatazi Imana ari ikintu c'igiciro muri wewe.
7. Uraba maso igihe uzumva ufise inzara n'inyota yo kwibera mu bidahimbara Imana.
8. Uragaba igihe uzobona kuvyuka gusenga mw'ijoro bibaye umugani mu rugo ubamwo.
9. Uraba maso muvukanyi igihe uzumva udakeneye Umwami Yesu n'umusi umwe gusa ukikenerera ibindi.
10. Uzobe maso igihe uzumva ukeneye kurya kenshi kuruta incuro usenga.
11. Uragaba igihe uzoba utagisangira n'abandi imirongo y'Ijambo ry'Imana.
12. Murabe maso igihe muzovuga ubutumwa mushaka kweyegeranirizako abantu gusa.
13. Muragabe igihe mumara umwanya munini kuri facebook,whatsap,tweeter n'izindi mbuga ngurukanabumenyi.Izi mbuga zabaye nk'ibigirwamana umwansi Satani akoresha kandi kuri benshi zatwaye ikibanza Imana.
14. Uraba maso igihe ubutumwa nk'ubu bukurambira gusoma,ariko inkuru zisetsa,iz'ibiterasoni zikakuryohera gusoma.
Murabere maso ibi vyose bene Data bakundwa.Tube maso kuko Satani we ntasinziriye.
Twitegure Yesu agiye kuza kujana abiteguye.
NDABINGINZE NTIBIBABERE UMUTWARO GUSANGIRA N'ABANDI BUNO BUTUMWA.
Lumière de la paix kuri YouTube, Injirira kur'iyi link: https://youtube.com/
🌺💐 Uburyo bwiza bwo guhora ubona ibica kuri Lumière de la paix, raba aha musi:
🐦E-mail : [email protected]
🐦Twitter: ( https://t.co/l4VQAqRIdu )
🐦 YouTube : https://youtube.com/
🐦Instagram:
🐦Facebook: et
🐦Ibindi vyinshi(ubutumwa bwiza,...), birabe ng'aha kuri page na groupe Facebook, ugire j'aime s'abonner Subscribe n'a rejoindre : Link ya page, fyonda ng'aha : https://www.facebook.com/100481449220267/
Groupe Facebook fyonda ng'aha : https://www.facebook.com/groups/356456429292835/
🐦Groupes Whatsapp:Seuls les admins peuvent envoyer des messages : Muri groupe WhatsApp ya Lumière de la paix ntidukunda abinjira bagaca basohoka ntitunabakeneye ntibinjire, twipfuza ko abinjira ari abagumana natwe bagasabikanya n'abandi ivyo tubaha, kw'injira muri groupe Whatsapp, fyond'aha:
https://chat.whatsapp.com/EAwUlAy5RFiArTHrJf5Isz
🐦Vyinshi caaane vyisomere kuri page, wibuke like(aime la page) bizokworohere kubona bishasha ugire na partage(Share) des posts de la page kugira ngo benshi bashikirwe,
🐦Injirira ngaha kuriLumière de la paix page: https://www.facebook.com/Lumiere-de-la-paix-336845653580308/