Magazine la jeunesse

Magazine la jeunesse Magazine la jeunesse vise à promouvoir la visibilité et le partage de bonnes initiatives des jeûnes. Ce qui crée des inégalités dans la société.
(2)

Le taux d’inclusion des jeunes dans les differents projets est très faible du fait que les réalisations des jeunes, nombreuses soient elles, passent inaperçues au niveau local, national et international. L’utilisation d’internet et des réseaux sociaux étaient venus comme solution pour la visibilité des jeunes bien que la pénétration d’internet au Burundi reste très faible. Mais les magazines et pl

ateformes actuels influents ne sont pas abordables pour les jeunes débutants. Dans le cadre de contribuer à l’inclusion des jeunes dans les processus de développement et de prise de décision, l’Association des Jeunes Leaders Unis pour le Développement Durable a mis en place une plateforme numérique dédiée à la jeunesse, le Magazine la jeunesse, pour promouvoir la visibilité de bonnes initiatives et réalisations des jeunes Burundais dans les différents secteurs de développement au niveau local, national et international. Le magazine contribue également dans le réveil de consciences et l'évolution des mentalités des jeunes Burundais.

03/04/2024
🛑Umuriro uvuye kuntsiga z'umuyaga nkuba urahatswe kwiha inkumbi mu gisagara ca Bujumbura.Mu masaha ya 9h30 iruhande yi H...
29/03/2024

🛑Umuriro uvuye kuntsiga z'umuyaga nkuba urahatswe kwiha inkumbi mu gisagara ca Bujumbura.

Mu masaha ya 9h30 iruhande yi Hôtel iri hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo muriro ukaba wari uturutse Ku ntsiga z'amatara nkuko vyiganwa n'abari ngaho ugitangura! Ariko Imana yakinze Umuriro ukaba washoboye kuzima atakirononekara!

Abari ngaho basaba Regideso kuza bakahakingira kuko bafise ubwoba ko hashobora gusubira kwaka.

Aho muherereye intsinga za Regideso zoba zikingiye bikwiye?


.

🛑Umurwi usanzwe ukina umupira w'amaboko (basketball)Dynamo birangiye  uvuye mw'ihiganwa rya   ririko Ribera muri Afrique...
12/03/2024

🛑Umurwi usanzwe ukina umupira w'amaboko (basketball)Dynamo birangiye uvuye mw'ihiganwa rya ririko Ribera muri Afrique du sud ku kwanka kwambara impuzu zanditseko 'Visit Rwanda'

Dynamo bari bamenyesheje ko no mu rukino rw'uyu munsi bataja kwambara 'Visit Rwanda’ abatari bake hamwe n'ibimenyeshamakuru, bari bamaze kwizera ko uyo murwi uza kubandanya inkino uno munsi le 12/3/2024.

Yamara, abasanzwe barongoye amahiganwa ya BAL, babicishije mu nyandiko bahejeje kumenyasha ko Umurwi wa Dynamo uvuye burundu mw'ihiganwa kuko utubahirije amategeko y'iryo higanwa!

Bakunzi ba basketball, n'akahe kajambo mwoshikiriza abaringoye uwo murwi, hamwe n n'abakinyi b'umurwi wa Dynamo?


.

💀 Hatowe Ikiziga c'  mu kigo ca Kaminuza y'uburundi co Ku  .👉Ico kiziga catowe kuri uyu wa 11 Ntwarante 2024, kikaba car...
11/03/2024

💀 Hatowe Ikiziga c' mu kigo ca Kaminuza y'uburundi co Ku .

👉Ico kiziga catowe kuri uyu wa 11 Ntwarante 2024, kikaba cari gitekeye mw'igunira, kikaba kandi catowe inyuma y'inzu y'uburaro abasanzwe hari umurima w'amateke.

Amatohoza akaba yamaze gutangura kugira uwakoze iryo bara afatwe yongere ahanwe hisunzwe amategeko, nkuko bimenyeshwa n'uwusanzwe ajejwe umutekano muri iyo kaminuza.

Abasanzwe baba muri iyo kaminuza bavuga ko yoba yatawe n'umunyeshure yiga mu mwaka wagatatu, nubwo iyo nkuru itaremezwa neza n'abarongoye iyo kaminuza.

Vyoba biva kuki guta umwana wibarutse ufise imyaka yo kumurera? Ni akahe kagohe mwovunira abakora benivyo?


.

11/03/2024
🛑Abantu 6 harimwo abasirikare 2 bapfuye, mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu bivuye kw'isanganya ry'imiduga 2 yagonganye...
09/03/2024

🛑Abantu 6 harimwo abasirikare 2 bapfuye, mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu bivuye kw'isanganya ry'imiduga 2 yagonganye

Iryo sanganya ryabereye mu ntara ya kw'ibarabara rya 6 ku mutumba Kaburantwa muri komine Buganda.

Abahegereye bavuga ko umuduga w'igisirikare wagonganye n'uwundi.

Ayo makuru aremezwa mu ntwaro, bakamenyesha kuri uwo mutumba bamenyesha ko abantu bama bagiriye amasanganya aho hantu.Bagasaba ko hoshirwa utudunduri tugabanya umuvuduko kugira ngo amasanganya agabanuke!

Hari ahandi muzi hari amabarabara atagira utudunduri tugabanya umuvuduko?


.

🛑 Ubuyobozi bw'  c'indege ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye, buramenyesha abakoze ikibazo co gutwara imiduga   ko b...
06/03/2024

🛑 Ubuyobozi bw' c'indege ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye, buramenyesha abakoze ikibazo co gutwara imiduga ko bahamagawe kuja gukora ikibazo co kunyonga(pratique) itariki 12/3/2024.

Basabwe gushika Ku kibuga c'indege isaha 8h00, bitwaje :ikarata karangamuntu, hamwe n'uruhusha rw'ingendeshwa.

N.B bazojana uruhusha atari fotocopie.

Woba urimwo mubakoze ikibazo co kwandika? Tegura ikibazo co gukora, uracafise amahirwe yo guhiganwa!

.
.

🛑 Papa Love uwo batazira  , Umu star amenyekanye mu kiringo kidakwiye n'indwi imwe!😂👉Stylozoff azwi kw'Izina rya papa lo...
03/03/2024

🛑 Papa Love uwo batazira , Umu star amenyekanye mu kiringo kidakwiye n'indwi imwe!😂

👉Stylozoff azwi kw'Izina rya papa love ni umu star akimenyekana vuba bwango. Yatanguye kugaragara ku mbuga hwaniro yimosheje ikimwerere mu mutwe. Inyimosho yiwe yatangaje benshi, ivugisha benshi. Hari abayibona bakavuga ko yoba afise akagorane ko mu mutwe. Ariko haba namba arakomeye.

Yatanguye avuga ko afise imigambi myinshi ariko atagira uburyo bwo kuyishikako. Muri iyo migambi yaravuze ko ashaka kuba umuririmvyi, agatanga ubutumwa bwiwe abicishije mu ndirimbo.

Ikinyamakuru Akeza.net kimaze kubonamwo impano, caciye kimuhamagara mbere kimufasha gukora indirimbo yiwe yambere kuburyo buteye imbere. Akajambo gatangurira iyo ndirimbo ni ! ntituramenya igituma yagakoresheje. Muri iyo ndirimbo, turumvamwo amajambo avuga ko aserukira aba (abanyeshure ba kaminuza y'uburundi). Abo nabo bakagira bati ntakuntu yoserukira aba poils kandi nawe asanzwe yiga muri kaminuza y'abigenga.

Ico gikorwa ciwe cambere kikaba caraye kiroye kurubuga rwa YouTube. Indirimbo « » itarakwiza imisi ibiri ish*tse kuri chaîne yiwe ya YouTube, imaze kurenza abantu ibihumbi 20 bamaze kuyiraba. Igikorwa ciwe muragisanga ngaha 👉 https://youtu.be/kadUG_-a6PU

Mbe koko yoba agiye kuba umu nkuko yari abifise mu ndoto ziwe? indoto ziwe zoba zigiye kuba impamo? Aba poils mwakiriye gute uwiyise umuserukizi wanyu? Abafise impano bataramenyekana n'akahe kagohe mwobavunira?


.

🛑Mu ntumbero yo gushira   KABU 16 Ku muhora w'umuyagankuba w'igihugu,Ishirahamwe Regideso Burundi riramenyesha ko ku mus...
01/03/2024

🛑Mu ntumbero yo gushira KABU 16 Ku muhora w'umuyagankuba w'igihugu,

Ishirahamwe Regideso Burundi riramenyesha ko ku musi wa gatandatu no kuw'Imana, umuyagankuba utazoboneka neza.

Iryo shirahamwe risaba abanywanyi baryo kuritahura.

Mwoba muriko mwitegura gute kuhaba atamuyagankuba?


.

⛽ Ibiciro vy'  biragabanutse mu Burundi.Nkuko biri mw'itangazo Ubushikiranganji muvyo bujejwe amasoko ntanganguvu, bwash...
18/02/2024

⛽ Ibiciro vy' biragabanutse mu Burundi.

Nkuko biri mw'itangazo Ubushikiranganji muvyo bujejwe amasoko ntanganguvu, bwashize ahabona, bumenyesha ko ibiciro vy'ibitoro bigabanutse. Iryo gabanuka ry'ibiciro rikaba rivuye Ku biciro vyagabanutse kw'isoko mpuzamakungu.

Ubu ibiciro bikaba bigiye ku mafaranga akurikira:
_essence: 4000fb/litre
_Mazout:3925fb/litre
_petrole:3905fb/litre.

Iyo ngingo ikaba igiye gutangurana n'uwu wambere itariki 19/2/2024.

Iyi ngingo y'ubushikiranganji muyakiriye gute? N'iki musaba co korwa kugira iyo ngingo igirire akamaro umwenegihugu wese?


. .

⁉️  : Imyidogo ni myinshi ku banyeshure basaba impapuro(bulletins) mu gisata c'indimi Kiri mu kigo co ku Mutanga.✍️ Abak...
16/02/2024

⁉️ : Imyidogo ni myinshi ku banyeshure basaba impapuro(bulletins) mu gisata c'indimi Kiri mu kigo co ku Mutanga.

✍️ Abakora mu gisata c'indimi bajejwe gukora no gutanga ama bulletins, baridogerwa n'abanyeshure babitura kugira baronke ivyangombwa.

Umwe mu banyeshure bahejeje muri ico gista yaganiiye na Magazine la jeunesse, agira ati:« Turaruhijwe n'ingene abakorera muri ico gisata batanga serivisi zabo. Nkubu jewe naje gusaba ama bulletins mu kwezi 11(munyonyo)2023 ariko gushika uyu musi ntizirakorwa. Maze gutonda ngaha incuro 4 bambwira ko zitarakorwa ko hakiriko hakorwa izo mukwi 10(gitugutu)2023. Iyo uhejeje amashure biba bikenewe ko umuntu aronka ivyo afitiye uburenganzira. Biratubabaza kubona ushobora kumara amezi arenga 5 ukirindiye kuronka ivyo urekurirwa n'amategeko.»

Uyundi munyeshure yashoboye kuyagira Magazine la jeunesse, asanzwe yarahejeje amashure muri ico gisata c'indimi, nawe ikibazo ni nkico. Agira ati:« Jewe naje gusaba bulletins muri gitugutu. Inyuma yo kumpa amasango adahera, nari nje gutora bulletins, baca bambwira ko agapapuro narihiyeko izo bulletins atako babona. Vyaciye binsaba gusubira kuriha ayandi mahera kugira nshobore kuronka ako gatike!»

Tubajije ikibazo Abakora ama bulletins bahura naco muri ico gisata, bavuga ko biva canecane Ku babitura benshi,kubakozi bake, no ku ma mashini ashaje hamwe n'icigagurika ry' amatara.

Ibintu bikaba biri uko mu gihe muri ico gisata hahora haba igitigiri c'ama bulletins akorwa kw'iyinga nayo ubu hakaba hasaba ama bulletins abashaka bose, ariko ntibaheze ngo bayaronke vyihuse.

Umuti woba uwahe kuri iki kibazo c'abanyeshure? Hokorwa iki?


.

 : Abanyeshuri 9090 bashasha nibo bakiriwe muri uno mwaka w'ishuri 2023-2024Ivyo ni ivyashikirijwe na François HAVYARIMA...
08/02/2024

: Abanyeshuri 9090 bashasha nibo bakiriwe muri uno mwaka w'ishuri 2023-2024

Ivyo ni ivyashikirijwe na François HAVYARIMANA, umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi aho yariko ashikiriza ivyaranguwe n'ubwo bushikiranganji mu mezi 6 arangiye.

Hari kuri uno wa 8 Ruhuhuma 2024 mu ntara ya Gitega aho yariko agendera amashure atandukanye y'indaro ari kumwe n'umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo inyubako Dieudonné DUKUNDANE.

Uwo mutegetsi amenyesha ko muri Kaminuza y'Uburundi hakiriwe abagera ku 7733 nayo muri hakiriwe abagera ku 1356.

Aha mukibuka ko umwaka w'ishuri 2023-2024 hakiriwe imigwi ibiri y'abanyeshuri n'ukuvuga abatoye Ikibazo ca leta co mu mwaka wa 2022 hamwe n'abo mu mwaka 2023.

Musomyi wacu,
Akajambo kamwe ku vyerekeye amashure ya Kaminuza.

🛑  : Basaba   gusanura ibarabara nkuko iriko ibikora mu bundi burere n'ama karitiye.Ivyo n'ibisabwa n'abasanzwe biyungur...
05/02/2024

🛑 : Basaba gusanura ibarabara nkuko iriko ibikora mu bundi burere n'ama karitiye.

Ivyo n'ibisabwa n'abasanzwe biyunguruza baciye mw'ibarabara risanzwe rigabura na , aho ni muri komine mu gisagara ca Bujumbura.

Uhash*tse ubona ibinogo vyuzuye mw'ibarabara, abiyunguruza n'ingendeshwa bagenda bukebuke bagenda barakwepa ibinogo ubona ko ari binini, hamwe mbere usanga bitezemwo amazi iyo imvura yaguye.
Abagenda n'amaguru bagenda baraca kumpande, bongera babisa ingendeshwa ziba zasohotse mw'ibarabara kugira zikwepe ibinogo.

umwe mu basanzwe bunguruza abantu akoreshe twaganiriye yemeza ko ubu benshi mu bari basanzwe bakorera muri iryobarabara bunguruza abantu bakoresheje basa nabahahevye kumvo z'ibarabara. Agira ati:« Usivye ko ushobora kumara umwanya munini uriko urakwepa ibinogo, ivyuma vy'ingendeshwa birahasigara. Ivyo navyo bigatuma amahera uba waciye aba ayo kuja muri garage. Ingendeshwa ntushobora kuyikoresha indwi yose igikomeye. Umuntu atonda muri garage nka 2 mundwi, bigatuma umuntu usanga ariko akorera ubusa, akora ahomba.»

nawe asanzwe yunguruza abantu akoresheje agira ati:« Nakamaramaza kubona ibarabara riri hagati mu gisagara muri komine iri hagati mu gisagara, umurwa mukuru w'ubutunzi risigaye rimeze uku. Ariko dusaba ababijejwe ko bokora iri barabara kuko turiko turahahombera, ivyuma vy'ingendeshwa zacu biriko birahononekarira. Kandi iyo hameze uku bituma harwira ama accidents avuye kukugenda urakwepa ibinogo.»

Tubajije abasanzwe begereye iryo barabara, bemeza ko ryaheruka kuzibirwa ibinogo mumwaka wa 2022, ariko ko ubu hose hasubiye kwimburuka kandi ko ibinogo vyaciye vyiyongera. Bo babona ko abarikoze barikoze nabi cane bituma n'ivyahuha bihuhuka.

Woba umaze guca muri iryo barabara? waribonye gute?


.

🛑  : Igihano c'umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose, ukwakwa uburenganzira bw’umunyagihugu, ubw’abantu n'ivyabo hamwe n'imir...
03/02/2024

🛑 : Igihano c'umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose, ukwakwa uburenganzira bw’umunyagihugu, ubw’abantu n'ivyabo hamwe n'imiryango (interdiction des droits civils et civiques)

Nico gihano sentare nkuru y'intara ya Makamba yahanishije, kuri uyu wa gatandatu, umuporisi akorera i Jimbi muri komine Kibago.

👉Uyo mu polisi yagiriwe n'icaha co gushurashuza ku nguvu akana k'akigeme k'imyaka itandatu, kandi asanzwe anagendana umugera wa Sida.

Muri urwo rubanza rw'ikibiriraho, sentare yategetse ko azokwerekanwa mu bantu benshi yongere atange n’indishi y'akababaro y'imiriyoni zitanu, zizohabwa umuvyeyi w'umwana. Uwagirizwa yaburanye ahakana icaha.

Urwo rubanza murwakiye gute? Abakora ivyaha nk'ivyo kubwawe bohanwa gute kugira, batuze amabi be nayo?


Ubutungane. .

🛑 Mu bana batandatu yari yibarukiye icarimwe, ngo hasigaye abana bane.👉Yitwa Johari MUGISHIMANA, umurundikazi ava mu nta...
29/01/2024

🛑 Mu bana batandatu yari yibarukiye icarimwe, ngo hasigaye abana bane.

👉Yitwa Johari MUGISHIMANA, umurundikazi ava mu ntara ya Rumonge, ubu aba mu Kamenge, yibarutse abana batandatu icarimwe, ariko babiri muribo baramaze kwitaba Imana , asigaranye abana bane.

💬Yagize ati: “ Kuba mba mu Kamenge si ubushake bwanje. N’uko nabonye mu Rumonge ari kure y’ibitaro. Maze kwibaruka abana batandatu , vyasaba ko abaganga babakurikirana umwanya ku mwanya. Rero bivanye n’uko mu Rumonge ari kure cane, vyaciye binsaba gupanga inzu aha nyene mu gisagara ca Bujumbura. Ntivyoroshe nukuri, mbayeho nabi, kuko nsa n’uwatanguye ubuzima gushasha. »

💬Yongera ati : « Nivyo kuvyara ni Umugisha kuko hariho abakenera abana, bakababura. Ariko mu vyukuri, jewe kubarera biranduhije kuko bisaba uburyo bwinshi. Imbere y'uko mvyara abana batandatu icarimwe, nari nsanzwe mfise abana batatu. Rero ikindemeye, nuko naciye nisanga ndose abana benshi mu mwanya muto, kandi ndi umukene, ntafise uburyo bwo kubarera. Umugabo wanje nta kazi afise, yarasanzwe aronka rimwe rimwe ibiraka vya plomberie. Nosaba abagiraneza ko bobandanya bamfasha nk’uko babikora nk’icibaruka, cane cane nkaronka agatike nkasubira mu Rumonge, bakamfasha aho mba, nkaronka n’agatahe ko gukora umugambi uzomfasha kurera aba bana. »

✍️ Mwomenya ko Johari MUGISHIMANA ari umukenyezi agira kane muri Afrika yose, akaba uwambere mu Burundi , yibarutse abana batandatu icarimwe.

📱Kubipfuza kumufasha boca kurizi nomero: +257 68 36 22 89

inkomoko: Akeza.net


.

15/01/2024
⛪ Umwungere w'Ekleziya katolika kw'isi yagize ico avuga inyuma yaho Inama z'abepiskopi ziyamirije guhezagira abubakana b...
05/01/2024

⛪ Umwungere w'Ekleziya katolika kw'isi yagize ico avuga inyuma yaho Inama z'abepiskopi ziyamirije guhezagira abubakana babisangiye ibitsina

👉Ivyari vyashikirijwe muri «Fiducia supplicans» vy'uko abubakana babisangiye ibitsina boronka umuhezagiro, mbere hamwe n'ingo zisanzwe zidakurikije amategeko y'Ekleziya zikaronka umuhezagiro, Umwungere w'Ekleziya kw'isi yagize ico abivugako nyuma yo kubona ko Inama z'abepiskopi katolika nyinshi canecane zo muri Afrika ziyamirije uyo muhezagiro w'abasangiye ibitsina.

Akaba asaba abepiskopi ko bonyene baravye aho batumbereye aribo bogufata ingingo, mu gihe bibereye ko batanga uwo muhezagiro bakawutanga, canke ntibawutange bivanye nuko babibona. Akaba yabahaye ububasha bwo gufata ingingo zibereye mu ma diyoseze yabo.

Ivyo akaba yabivuze mu gihe hari abepiskopi Bari bamaze gufata ingingo zabo zibereye mu ma diyoseze basanzwe barongoye.

Mbega abahuza ibitsina babisangiye boba bagiye gufatirwa izihe ngingo n'abepiskopi mu ma diyoseze yabo?

Iyo ngingo y'umwungere w'Ekleziya kw'isi muyakiriye gute?? Abahuza ibitsina babisangiye n'iyihe mpanuro mwobasigira?

.

🛑Banki nkuru y'igihugu irahamagara abashaka akazi mu bisata bitandukanye gusoma ibisabwa no gutanga amadosiye yabo bitar...
04/01/2024

🛑Banki nkuru y'igihugu irahamagara abashaka akazi mu bisata bitandukanye gusoma ibisabwa no gutanga amadosiye yabo bitarenze itariki 19/1/2024 nkuko biri mw'itangazo iyo Banki yashize ahabona itariki 4/1/2024

Kumenya ivyankenerwa bisabwa murashobora gukwirikirana iyi nzira: www.brb.bi canke mukabisanga aho bimanitse ku cicaro c'iyo Banki nyene, kuri avenue du gouvernement.


.

🎄Le magazine la jeunesse souhaite meilleurs Vœux pour tous ses followers; ses fans et tous ses bientôt prospects. Vous a...
31/12/2023

🎄Le magazine la jeunesse souhaite meilleurs Vœux pour tous ses followers; ses fans et tous ses bientôt prospects. Vous avez été nombreux avec nous durant l'année 2023. Le magazine vous souhaite la prospérité; la paix et la bonne santé pour cette année de 2024.

Restez avec nous, passez des moments agréables.

. .

🛑 Umuhezagiro uhabwa ababana bahuje ibitsina, woba umeze gute?Nkuko vyashikirijwe n'igisata «Fiducia supplicans» (ukwize...
24/12/2023

🛑 Umuhezagiro uhabwa ababana bahuje ibitsina, woba umeze gute?

Nkuko vyashikirijwe n'igisata «Fiducia supplicans» (ukwizera kwambaza Imana) uwo muhezagiro uri mu mihezagiro myinshi isanzwe itegekanywa n'ico gisata muvyo canditse vyongera vyemezwa n'umwungere w'Ekleziya kw'isi.

Nkuko biri muvyanditswe n'ico gisata, umuhezagiro uzohabwa abawusavye kandi ntaho uzoba uhuriye n'umuhezagiro uhabwa abashingiranywe vyemewe n'amategeko y'Ekleziya. Ico gisata cerekana ko kubana kubahuje ibitsina ari igicumuro ariko ko abacumizi atari abo gutabwa, ko ari kubiyegereza mu ntumbero yo kubagarura. Uwo muhezagiro uzohabwa n'ingo zibanye zidakwirikije amategeko y'Ekleziya. Uwo muhezagiro kandi ntuzobera mw'isengero, uzohabwa abawusavye babasange aho babaye, canke bagahurira ku birimba bisanzwe bihurirwako mu gusenga, nkuko biri mu nyandiko z'ico gisata. Uwo muhezagiro ukaba kandi ugereranywa n'umuhezagiro umusaseridoti ashobora gutanga iyo awusabwe n'uwariwe wese bahuriye mw'ibarabara, atitayeho kumenya uwuwusavye uwariwe n'ico ari. 👉vaticannews.va

Inama y'abepisikopi katolika y'i Burundi yaragize ico ishikirije kuvyerekeye uyo muhezagiro, ikaba ibona kumwe n'ivyashikirijwe n'ico gisata. Ikaba ivuga ko Imana itanka umucumuzi ahubwo yanka igicumuro. Umucumuzi si uwo guta ahubwo n'uwo kwitabwaho nkuko biri mw'itangazo ryasohowe n'inama y'abepisikopi. Mwiryo tangazo barerekanye ko uwo muhezagiro uzotanrwa kubawusavye kandi bashaka kuvavanura n'ico gicumuro, kuko kubana kubahuje ibitsina ari igicumuro kandi kibi gitandukanye n'ugushaka kw'Imana mbere n'umuco ndundi.

Nayo inama nkuru y'abepisikopi katolika y'i Rwanda ikaba ibona ko «Fiducia supplicans» mu nyandiko zayo zisa nizateye ugutahura nabi uyo muhezagiro, yo ikabona ko hagiye gutanrwa inyigisho zimbitse kugira ngo iyo migisha imenyekane n'itandukaniro ryayo. Ikaba yarahumurije abayoboke b'Ekleziya ko umuhezagiro wo kubana kubahuje ibitsina utazotanrwa kuko unyuranye n'ishaka ry'Imana n'umuco nyarwanda.

N'ubwo biri uko, «Fiducia supplicans» mu nyandiko zayo, ntaho yerekana ko uyo muhezagiro naho uzoba utanzwe ko hazoca harwizwa inyigisho zigamije kuvavanura n'ico gicumuro kubasanzwe bagikora!

Mbe musomyi «Fiducia supplicans» yoba yaritayeho ku mico y'ibindi bihugu mu gukora izo nyandiko? Kubwawe uyo muhezagiro urafise ico uzofasha mu guhindura ababana bahuje ibitsina?

.
.

🛑 Ikibazo c'imirongo yabatondera   ntikikiranrwa hagati mu gisagara ca Bujumbura.Ku gituro c'ama bus kiri hagati mu gisa...
19/12/2023

🛑 Ikibazo c'imirongo yabatondera ntikikiranrwa hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Ku gituro c'ama bus kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura, ahasanzwe hafatirwa Bus zija , , , kibenga large, , nta Bus nimwe ikiharanrwa mu masaha yo kumugoroba.

Aho ni mu gihe imirongo y'abatondera bus yahora itangura isaha y'icenda. Kubwo gutonda hama bikarangira Bus zitabonetse, ubu umuntu wese ahitamwo gutaha kare akahagenda n'amaguru!

Umwe mu baganiriye na magazine la jeunesse ariko ataha n'amaguru, yatwiganiye ko asanzwe aba mu Kanyosha. agira ati:« Kuva ubu narafashe ingingo ko atamwanya nzosubira guta ngo ngiye gutondera bus. Ejo hahise nari nimva ndushe niko kuja gutonda ku murongo kugira ndabe ko noronka bus. Naratonze ndateba ndaruha, mpeza mpitamwo kuhagenda n'amaguru. Taxi tuyibajije baka umwe umwe amafaranga ibihumbi 15. Kuva uyo musi naciye ndahira ko ntazosubira gutakaza umwanya ngo ngiye gutondera bus.»

Ibintu bikaba biri ukwo aho no Ku gituro gisanzwe gishikirako ama bus yunguruza abaja mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura, haranrwa imirirongo miremire hamwe na bus imwe imwe, aho ubona ko abantu barindiranye ukwihebura. Abakoresha Taxi nibo baheza bakaza bavuga ibiciro bashaka, abashobora kuyariha bakagenda.

Ivyo vyose bikaba biva kwikena ry'igitoro rimaze igihe ryibonekeza mu gisagara ca Bujumbura.

Musomyi Ikena ry'igitoro wibaza ko ryoba ririko riva kuki? Nigiki cokorwa kugira ico kibazo kihave? cokorwa na nde?


.

🛑 Ibibanza bigera Ku majana 500 nivyo bigiye gutanrwa ku bimenyereza n'ikigo  . Nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe n'ico ...
19/12/2023

🛑 Ibibanza bigera Ku majana 500 nivyo bigiye gutanrwa ku bimenyereza n'ikigo .

Nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe n'ico kigo, urwaruka rushomereye rwahejeje amashure yisumbuye, rutarenza imyaka 35 nirwo ruhawe akaryo ko kwimenyereza mu mashirahamwe atandukanye y'abigenga hamwe n'aya Reta. Nkuko bimenyerewe, ukwo kwimenyereza birafise akarusho Ku rwaruka kuko ruharonkera uburambe mbere rukanaronka n'agahembo mu mwanya wo kwimenyereza.

Ababishaka basabwa gutanga dosiye, igizwe n'umwidondoro wabo, ikete ryo gusaba kwimenyereza, urupapuro rw'umutsindo hamwe na karangamuntu. Basabwa kubitanga kuwuserukira PAEEJ mwi komine barimwo bitarenze itariki 27 kigarama 2023.

Basomyi bacu iyi nkuru muyakiriye gute? n'iki mwobwira urwaruka rusanzwe rukwije ibisabwa kugira ruje kwimenyereza ??


🛑 Birihuta barahamagawe!!👉Ubushikiranganji bw'  n'ubushakashatsi buramenyesha abantu muri rusangi ko abanyeshure bashizw...
06/12/2023

🛑 Birihuta barahamagawe!!

👉Ubushikiranganji bw' n'ubushakashatsi buramenyesha abantu muri rusangi ko abanyeshure bashizwe kuri uru rutonde rukurikira ko bahamagawe n'ubwo bushikiranganji ko borenguka kuwa gatanu igenekerezo rya 8 kigarama 2023. Bakaba bazoshikira mu biro bijejwe ivyirwa bourse nukwimenyereza BBES.

Ubwo bushikiranganji bukaba busaba umwe wese yoba azi abari kuri urwo rutonde ko yobibamenyesha.


.

30/11/2023

Vous avez besoin d'expertise en suivi evaluation de projets? Vous recherchez Des spécialistes en collecte et analyse de données? Bienvenue au Centre Professionnel d'Etudes et de Recherches Statistiques (CPERS)

🔴 Bafashe ingingo yo kwubaka inkombe z'uruzi   none barashima intambwe bagezeko.----------------------------------------...
30/11/2023

🔴 Bafashe ingingo yo kwubaka inkombe z'uruzi none barashima intambwe bagezeko.
---------------------------------------------

🤝 Abanyagihugu bo muri zone Gatumba barihaye intumbero yo kwubakira uruzi Rusizi inyuma yaho ifatiye ingingo yo kubimura kubera iyo zone iri mu turere twama duterwa n'amazi.

✍️ Bamwe mu banyagihugu twasanze mu bikorwa rusangi vyo kwubaka inkombe zurwo ruzi ku gace ka Gatumba kuri uyu wa kane igenekerezo rya 30 Munyonyo 2023, bavuga ko bahisemwo kwirwanako mu kuzibira amazi y'urwo ruzi yama abatera. Iyo ngingo bakaba bayifashe inyuma yaho abahinga ba babamenyesheje ko ako karere atari ako kubamwo.

👏 Mukuzibira inkombe z'urwo ruzi, bakaba bakoresha imifuko bakayishiramwo umusenyi n'ivu maze bakazibiza neza n'ibiti. Inyuma y'ukwezi kurenga babitanguye, baramaze kuzibira aharenga ikirometero. Ibikorwa rusangi bikaba bikorwa imisi ibiri mu ndwi kandi bikitabirwa kubwinshi nabasanzwe baba muri ako gace.

👌Mwomenya ko hashizweho ikonti yo guterera muntumbero yo kugura imifuko;ibiti n'ibindi vyankenerwa muri ivyo bikorwa. Iyo konti ikaba yugurujwe muri kw'izina A.N.G.U.P.D.U/DIGUE ku numero 20437770002.

😌Abanyagihugu bakabandanya basaba Leta kubashigikira muri ivyo bikorwa barimwo.

🤔 Basomyi, mubona hokorwa iki ngo ikibazo c'umwuzure muri ako karere gitorerwe inyishu?

.

🛑 Ikibazo c'abanyeshure bo muri   y'uburundi cerekeye abiga mu bisata vyahagaritswe.Mu gisata c'ubudandaji ISCO ca kamin...
27/11/2023

🛑 Ikibazo c'abanyeshure bo muri y'uburundi cerekeye abiga mu bisata vyahagaritswe.

Mu gisata c'ubudandaji ISCO ca kaminuza y'uburundi, haranrwa imyidogo y'abanyeshure, bavuga ko bariko bararenganywa, kandi ivyo basaba babirekurirwa n'amategeko.

Umunyeshure atashimye gutanga umwidondoro agira ati:« jewe ndi umwe mubiga mwico gisata naho ntashimye kwidondora ariko ndi umunyeshure yigaho

Hama nipfuje kubasaba mudutangarize ibi bintu bitumvikana vyibonekeje muri université yuburundi na cane cane Ku banyeshure bo mumwaka wa 2 w'igisata c'ubudandaji (I.S.C.O) " Institut supérieur de commerce"

Twatanguye umwaka wa mbere wa université yuburundi muri 2021 Hama umwaka turawumara twinjira mumwaka wa 2 ariko mukwimuka murumva ko hari abanyeshure bashobora kwimukana ivyigwa bimwe bita (complément).

Twarize uwo mwaka twimukanye ivyo vyigwa baca batangura kutubwira ko uwo mwaka iyo institut yose itazokwakira abanyeshure bo muwa 1 bivuye Ku bwinshi bwabanyeshure bahurumbira ivyo bisata.

nayo igizwe nibisata 5 arivyo
_Assistant de direction
_commerce et marketing
_comptabilite
_developpement communautaire
_ Bibliothéconomie

Tumaze kwumva KO ata banyeshure bazokwakirwa mwivyo bisata vyacu twarabajije ati :
*" NONE AMA COMPLÉMENT DUFISE TWIMUKANYE MUWA MBERE AZOHERERA HEHE TUZOYAKORA GUTE KUGIRA TURABE KO TUYAKURAYO HAMA BIGENDE NEZA MUWA KABIRI?*

kwico kibazo nta nyishu nziza baduhaye gushika turaheza examen zo muwa 2 Hama haraba affichage.

Kwiyo affichage twasanze baje gushiramwo naza complément zo muwa mbere mugihe tutigeze turonka akaryo ko kuzikora bafashe izo woba wararose muwa 2 bashirako izo muwa 1 mu gihe tutarose umwanya wo kuzikora Hama abanyeshure benshi barananigwa (Ajourné) kandi bitanavuye kuri bo.
Ikibazo carashikirijwe ariko ntanyishu haheze igihe gishikirijwe natwe twashaka gutangurana nabandi kuko Ubu baza baratanguye kwiga abandi.»

👉 Abo banyeshure bashikiwe nico kibazo basaba umushikiranganji w'indero yobijamwo akabimenya kuko babona ko ingingo yafatiwe mukinyegero.Hama bagasaba kurenganurwa kuko ataribo batumye batakira abanyeshure kandi ko batoheza ngo babigwemwo batigeze bahabwa umwanya wo kuzikora.

Musomyi niki cokorwa kugira abo banyeshure barenganurwe?


.

Address

Avenue De La Jeunesse
Bujumbura

Opening Hours

Monday 08:00 - 17:30
Tuesday 08:00 - 17:30
Wednesday 08:00 - 17:30
Thursday 08:00 - 17:30
Friday 08:00 - 17:30
Saturday 09:00 - 18:00
Sunday 09:00 - 18:00

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Magazine la jeunesse posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Magazine la jeunesse:

Videos

Share

Category


Other Magazines in Bujumbura

Show All