Journal Ncuti

Journal Ncuti Journal Ncuti

  Office Burundais des Recettes  Inyuma y'iduzwa ry'ibiciro vyo gupanga amazu ku bacuruzi bacururiza mw'isoko rya Ruvume...
31/07/2023

Office Burundais des Recettes

Inyuma y'iduzwa ry'ibiciro vyo gupanga amazu ku bacuruzi bacururiza mw'isoko rya Ruvumera muri commune Mukaza zone Buyenzi, uyu munsi abacuruzi bazindutse bugaye amaduka yabo, barasaba ib**aniro na Leta kugira bagabanirizwe ayo mafranga kubera babadugirijeko bikomeye cane aho ibiciro vyaho bacururiza vyadugijwe n'imiburiburi incuro 6, aho usanga nk'abahora bakotesha ibihumbi 110 babashize ku bihumbi 610, gutyo gutyo.

21/07/2023

IKINYOMA KU KINDI

Generale Neva
Iyo igihugu camaze kwugarizwa nโ€™ibiturire munzego zose ntakindi kiba
gisigaye uretse ko aba ari ikimenyetso gihamagarira buri munyagihugu wese
guhaguruka akagwanya ubwo butegetsi. Kuko kubireka n'ukwemera ko
ubuzima bwawe n'abagukomokako buguma mu kaga kandi ukaba ubirekeye mu maboko yabariko
bakwiba bongera bakurihisha ikiguzi cโ€™uburenganzira bwawe. Kuko ku
ntwaro ya bene nkona igiturire cabaye inzira yo kuronka ico uhabwa n'amategeko. Ico gihe haba hageze ko Umunyagihugu akubitiza agatima
ร›mpembero, mu kumenyako gutangishwa igiturire ari nzira Reta yatoye yo
Gutungisha abategetsi.
Insiguro za ndayishimiye zose zuzuyemwo amarira y'ingona.
Ukugwa kw'ama Reta kwama gukomoka mu mishamirano ihera hagati
mu batwara, ikongera igakomoka ku kunanirwa kwa Reta mubijanye no
kuronsa abanyagihugu ivya nkenerwa. izo ngingo zibiri iyi Reta ya
Ndayishimiye irazikwije. Mugihugu hariho ingingo zibiri zama zikwega ayandi
mabi yose kandi izo ngingo zibiri imwe ikwega iyindi.
Izo nazo hari
umutekano muke canke
iyo ubutunzi bumeze nabi.
Iyo mu gihugu hari umutekano muke ivyo birashobora gutuma Reta isenyuka
mu bisanzwe umutekano uratandukanye cane n'agacerere. arinavyo abatware
bakunda kwihaya ngo mugihugu umutekano ni wose. ariko abantu barashobora guhora kubera ubwoba batewe n'ababatwara niho hava naya migani ngo:uwufise agatwe gato akarinda uruguma canke ngo uwufise ibijumbu agutwara imbwa.
Iyo basokuru nabo bavuze ngo harara inzara hakavyuka inzigo canke ngo
umuntu atinya ingwe ntatinya iyamwinjiranye nuko ata muntu numwe
yihanganira inzara naho rero abantu bokwihorera kubera gutinya
ntamutekano baba bafiseAbibuka kuntwaro ya Perezida Bagaza hari agacerere kenshi gose, mugabo
abarundi bari bafise ubwoba bw'ikiza c'i 1972, ivyo vyatumye abanyagihugu benshi naho bari bababaye bihorera. mugabo mwibukeko ico hari
impunzi zirenga ibihmbi300 hanze y'igihugu.
Mbere abatanguye nivy'umuhari palipehutu babitanguye hatwara
Bagaza..Perezida Bagaza yaje kumenya ko hari abamugwanya aje mugihugu
c'urwanda mu nama y'ibihugu bivuga igifaransa hagitwara Perezida
Havyarimana juvenari hari mu 1979 kubera amakete yo kumwiyamiriza
yakwiragijwe munzu yariko iberamwo Iyo nama. ivyo bintu ba Gahutu remy
bakoze nivyo vyabaye intandaro yo kwirukanwa mu rwanda maze agahungira
Tanzaniya. Agacerere ntaho gahuriye n'umutekano na cane cane mugihe bizwi
neza ko hari abarundi bari inyuma y'igihugu, hakaba za Red-tabara n'ibindi
n'ibindi
Iyo ubutunzi bwifashe nabi navyo nikimwe mubikwega akarambaraye.Urufi
mu kubora iyo ruhereye mu mutwe urwo rufi ntirukira.
Umukuru w'igihugu Ndayishimiye yatoye inzira yo gutwara mu guhakana ko
abanyagihugu bakenye. nico gituma bamwe abita ibinebwe abandi akabita
imihimbiri kumwe yavuze ko Rufyiri ata bwenge agira kubera avuze ingorane
z'igitoro.
Ariko kubera atawuhisha umwotsi inzu iriko irasha.ku ngingo yonyene yo
guhindura amahera gusa abarundi benshi cane gushika nubu ama banki ntarasubira gukora neza. abanyagihugu bo mu ntara hagati bobo nubu
benshi ntibarasubizwa utwabo. Iyo rero Umukuru atakimenya ingorane zabo
ajejwe canke ngo azemere ko zihari ntashobora nokubatorera umuti kuko
kuko ntamunyagihugu yihandura ihwa atabona..
Ukuvyuka kwama Reta no Kugwa kwayo sibishasha mur'iki gihugu cacu
mbere no kwisi na cane cane murikino kinjana ca 21. Igihanze Reta yacu
ya Ndayishimiye si ineza y'abanyagihugu ahubwo n'ingene
Ndayishimiye yokomeza ubutegetsi bwiwe..rimwe na rimwe aba bantu
baritiranya ivyo bita (Rivalite interne) Canke ubukeba bwo mu
mugambwe no Gukiza igihugu. Ndayishimiye ibintu akora n'ugukomeza
ubutegetsi bwiwe. Ivyo mukubikora abanza kuvuga nabi abo
bagendanye na cane cane abo ataba acizeye.

  UKWIBUKA NKURUNZIZA PeteroCndd fdd igerageza  kwubaka ishusho  y'igitangaza  ya nkurunziza mu vyiyumviro vy'abarundi ....
07/06/2023

UKWIBUKA NKURUNZIZA Petero

Cndd fdd igerageza kwubaka ishusho y'igitangaza ya nkurunziza mu vyiyumviro vy'abarundi ..Mugihe bizwi neza ko Abarundi benshi. Bafise amashusho menshi mabi ya Nkurunziza..aba dd bazibuka ko ariwe yatanguye kubacanishamwo mu mwaka wa 2007 igihe bakura Radjabu n'abandi bashingamateka 22..abandi ba dd biswe aba frondeur bamwibukira kukuntu yakoresheje igikenye ku kiringo kigira gatatu..Abandi barundi insinzi bamwibukira kubwicanyi bwaranzwe noguhohotera abariko biyamiriza ico kiringo kigira gatatu catumye hicwa bunyamaswa abarundi batari bake abandi bagahunga igihugu cabo
Iyi tariki yo kwunamira Nkurunziza..mugihe kiza izoba itariki yo gukora kw'itama Abazoba bakiriho bamukomokako...kanatsinda ibibi yakoreye abarundi n'uburundi ntibizokwigera vyibagiranwa.

   Barayamaze bati "๐€๐๐€๐†๐€๐๐Ž ๐๐€๐‘๐€๐‘๐˜๐€ ๐ˆ๐Œ๐๐–๐€ ๐๐€๐™๐Ž ๐™๐ˆ๐Š๐ˆ๐’๐‡๐”๐‘๐€"Ahafungiwe   UWAMAHORO mw'ibohero rikuru rya GITEGA ahamaze imi...
10/05/2023



Barayamaze bati "๐€๐๐€๐†๐€๐๐Ž ๐๐€๐‘๐€๐‘๐˜๐€ ๐ˆ๐Œ๐๐–๐€ ๐๐€๐™๐Ž ๐™๐ˆ๐Š๐ˆ๐’๐‡๐”๐‘๐€"
Ahafungiwe UWAMAHORO mw'ibohero rikuru rya GITEGA ahamaze iminsi 20 gusa yamaze kuba nk'abandi bantu basanzwe bafunganywe aho asigaye yihereza utuyoga tuzwi kw'izina ry'utuyuki, kurundi ruhande uwari sebuja nawe afunzwe neza cane aho uyu munsi yanahawe umukozi wo kumutekera ivyo kurya benshi bazi nk'umuboyi. Uwo mukozi akaba ari uwitwa MUSA batazira GIHANGA asanzwe ari umunyororo muriryo bohero nyene.
Itandukaniro rikomeye cane aho uwigize igitangaza akoreshwa amabi n'ubutegetsi birangiye ashizwe hamwe nabo yatoteje uwari mu bamutuma nawe agakomeza gufatwa nk'umwami aho afungiwe.

Ibi vyari bikwiye guha icigwa abakiri inyuma yaba DD ko impera n'imperuka bazobagira nk'abandi kandi birinde gukorera nabi abandi kubwo kunezereza abatware atakindi bazobashimira atari kubafunga canke kubica kuko navyo vyagaragaye Henshi aho abakoreshejwe mu mabi n'ubutegetsi babuzwe irengero burundu abandi bagafungwa abandi bagatorwa ibiziga.

   Tubahaye mwiriwe abanywanyi n'ikinyamakuru Journal Ncuti Iherezo ribaye umunyororo agiye gukorera mw'ibohero rikuru r...
08/05/2023


Tubahaye mwiriwe abanywanyi n'ikinyamakuru Journal Ncuti
Iherezo ribaye umunyororo agiye gukorera mw'ibohero rikuru rya NGOZI

Yabanje kurengutswa imbere y'umushikirizamanza mukuru wa Republika i Bujumbura
Munyuma ajanwa mw'ibohero rikuru rya Ngozi
Aho hose yari yambaye nkabandi banyororo bose yambaye impuzu z'icatsi k'ibisi, amapingu maboko asunagurwa n'abapolisi bamujanye.
Ageze mw'ibohero yashikijwe mu cumba c'abanyororo ca vip aho yahawe akamatera ko kwa muganga gato nta gitanda yahawe, yahawe hamwe n'intebe imwe.
Akaba yashikanywe muriryo bohero isaha cumi z'umugoroba 16h, mukumwinjiza babanje kwugarana abandi banyororo bose basanzwe.

Mu nkuru yacu igiye gukurikira tugiye kubacira uko igikorwa kijanye nifatwa rya bunyoni ryagenze kuva mu ntango kugeza agezwe mu munyororo aho tuzobabwira n'ibindi vyose vyanyegejwe mutamenye na cane cane ivyabereye aho yari yinyegeje ndetse no mwiperereza aho yarafungiwe tuzonababwira n'abamufashije kwinyegeza ubwambere ndetse n'ibindi bicocoro muri CNDD-FDD bitafashwe arko nubu bikimuhagaze inyuma bimwemera.

Komeza gukurikirana Ikinyamakuru Journal Ncuti

   ๐”๐ฆ๐ฎ๐ฌ๐ก๐ข๐ค๐ข๐ซ๐ข๐ณ๐š๐ฆ๐š๐ง๐ณ๐š ๐ค๐ข๐ณ๐ข๐ ๐ž๐ง๐ณ๐š ๐ฐ๐š ๐‘๐ž๐ฉ๐ฎ๐›๐ฅ๐ข๐ค๐š ๐š๐ซ๐š๐ฆ๐ž๐ง๐ฒ๐ž๐ฌ๐ก๐š ๐€๐›๐š๐ซ๐ฎ๐ง๐๐ข ๐ค๐จ ๐†๐ž๐ง๐ž๐ซ๐š๐ฅ ๐๐ž ๐๐จ๐ฅ๐ข๐œ๐ž ๐€๐ฅ๐š๐ข๐ง ๐†๐ฎ๐ข๐ฅ๐ฅ๐š๐ฎ๐ฆ๐ž ๐๐ฎ๐ง๐ฒ๐จ๐ง๐ข ๐š๐ซ๐ข ๐ฆ๐ฎ ๐ฆ๐š๐›...
23/04/2023



๐”๐ฆ๐ฎ๐ฌ๐ก๐ข๐ค๐ข๐ซ๐ข๐ณ๐š๐ฆ๐š๐ง๐ณ๐š ๐ค๐ข๐ณ๐ข๐ ๐ž๐ง๐ณ๐š ๐ฐ๐š ๐‘๐ž๐ฉ๐ฎ๐›๐ฅ๐ข๐ค๐š ๐š๐ซ๐š๐ฆ๐ž๐ง๐ฒ๐ž๐ฌ๐ก๐š ๐€๐›๐š๐ซ๐ฎ๐ง๐๐ข ๐ค๐จ ๐†๐ž๐ง๐ž๐ซ๐š๐ฅ ๐๐ž ๐๐จ๐ฅ๐ข๐œ๐ž ๐€๐ฅ๐š๐ข๐ง ๐†๐ฎ๐ข๐ฅ๐ฅ๐š๐ฎ๐ฆ๐ž ๐๐ฎ๐ง๐ฒ๐จ๐ง๐ข ๐š๐ซ๐ข ๐ฆ๐ฎ ๐ฆ๐š๐›๐จ๐ค๐จ ๐ฒ'๐ข๐ ๐ข๐ฉ๐จ๐ฅ๐ข๐ฌ๐ข

Ni mw'itangazo ryasohowe n'umushikirizamanza kizigenza wa Republika kuruyu wa 23 Ndamukiza 2023, aho yavuga ibijanye n' isakwa ry'inzu za Bunyoni ndetse n'ifatwa ryiwe akuwe muri Bujumbura Rural.

Kurikirana uko ikete ribivuga

Kugira ngo mukomeze gukurikirana kumwanya kumwanya amakuru aca hano kuri Journal Ncuti Fyonda kuriyi lien https://www.fa...
22/04/2023

Kugira ngo mukomeze gukurikirana kumwanya kumwanya amakuru aca hano kuri Journal Ncuti Fyonda kuriyi lien https://www.facebook.com/Journalncuti

Hanyuma mukurikize inzira nkuko biboneka muraya masanamu ๐Ÿ‘‡

   Hari inkuru iriko iraca hirya no hino ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana Decret Prรฉsidentielle ikura mu gipolisi Gรฉnรฉ...
22/04/2023



Hari inkuru iriko iraca hirya no hino ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana Decret Prรฉsidentielle ikura mu gipolisi Gรฉnรฉral Bunyoni, iyo nkuru siyo kuko twayitohoje iryo tegeko ntirirasohoka ntawuzi ko riza ni gusohoka n'ugushikuza.

Iyindi nkuru Journal Ncuti yaronse ivuga ifatwa rya Bunyoni nuko ivyabaye atafashwe nkuko vyagumye bivugwa ko ahubwo ariwe yihamagariye iperereza riza kumufata, ivyo akaba yabikoze muntumbero yo kugira ngo aticirwa mu mpisho bagira ngo aracinyegeje.

Inkuru dukomeza gukurikirana
Pacifique Nininahazwe

   ๐Š๐”๐‘๐”๐˜๐” ๐Œ๐”๐‡๐ˆ๐๐†๐€๐Œ๐Ž ๐˜๐€๐…๐€๐’๐‡๐–๐„ ๐€๐‡๐Ž ๐˜๐€๐‘๐ˆ ๐˜๐ˆ๐๐˜๐„๐†๐„๐‰๐„Uwo ni General Alain Guillaume Bunyoni aho yari amaze iminsi havugwa ko y...
21/04/2023



๐Š๐”๐‘๐”๐˜๐” ๐Œ๐”๐‡๐ˆ๐๐†๐€๐Œ๐Ž ๐˜๐€๐…๐€๐’๐‡๐–๐„ ๐€๐‡๐Ž ๐˜๐€๐‘๐ˆ ๐˜๐ˆ๐๐˜๐„๐†๐„๐‰๐„

Uwo ni General Alain Guillaume Bunyoni aho yari amaze iminsi havugwa ko yabuzwe irengero inyuma yo kuja kumusaka iwe bakamubura

Nkuko twabibabwiye munkuru yacu y'ejo hahise ko amakuru yadushikira yatubwira ko ari mu micungararo ya Bujumbura, amakuru adushikiriye muri aka kanya avuga ko yoba ahejeje gufatwa akaba yafatiwe muri Bujumbura rural, tukaba turindiriye kumenya ikigiye gukurikira.

Turabandanya gukurikirana ifatwa ryiwe!

   Araye ijoro rya mbere mw'ibohero rikuru rya RumongeNkuko amakuru menshi yagiye abivuga ko Colonel Dรฉsirรฉ Uwamahoro yo...
20/04/2023



Araye ijoro rya mbere mw'ibohero rikuru rya Rumonge

Nkuko amakuru menshi yagiye abivuga ko Colonel Dรฉsirรฉ Uwamahoro yoba afungiwe mw'ibohero rikuru rya Bujumbura (Mpimba) amakuru adushikira yizewe nuko yoba ahubwo yajanywe mw'ibohero rikuru rya Rumonge (Minembwe) aho bamushikirije ahawenyene hazwi nko muri confinement.
Abegereye ahari kubera iryo bomborana bavuga ko Dรฉsirรฉ yagerageje kwisigura kuvyo yagirizwa arko bikaba ivy'ubusa kuko bamurahiye bakarengwa ko Bunyoni atabonetse aribo baja mu kibanza ciwe, vyagihe kurangira bemeje ko bamufunga hejuru y'imbabazi yariko arabasaba n'amarira hejuru.

19/04/2023



Inyuma yo kuvugwa ko hamwe na bafunzwe kandi barko barabazwa "Ivyo bikaba vyanemejwe n'umushikiranganji w'umutekano k'umuhingamo wuyu munsi" bakaba bikekwa ko bafashije gutoroka isakwa ryasa nkaho ariwe rirondera kuruta.
Hari amakuru "Ariko atavyemezo vyayo biraboneka" avuga ko atashoboye kugera i Tanzaniya nkuko vyavuzwe arko ko yoba yinyegeje mu micungararo ya Bujumbura, mu rwego rw'iperereza bakaba barko baramurondera hasi kubura hejuru.

N'inkuru tubandanya tubatohoreza!!

19/04/2023

UGUTABARIZA UMURYANGO WA GENERAL BUNYONI

Nkuko tubisanga ku rubuga rwa Pacifique Nininahazwe asanzwe arongoye isekeza aho ritabariza uwo muryango rigira riti

"๐Ÿ”ด Umuryango wa Gรฉnรฉral Bunyoni uratabaza !

Kuva ku wa mbere, umukenyezi n'abana ba Gรฉnรฉral Alain Guillaume Bunyoni bugaraniwe muri รฉtage hejuru mu nzu yo mu Gasekebuye, nta telefone bafise ngo bitabarize. Ivyo mu nzu vyaranyazwe. Abana ntibakija kw'ishure. Abapolisi bariko bakora iterabwoba ku muryango. Inabukwe wa Gรฉnรฉral Bunyoni nawe acungiwe mu nzu yo muri Nkenga-Busoro, nawe nyene nta telefone afise. Hose hacunzwe n'abapolisi, ntawinjira ntawusohoka. None ivyaha vy'umuvyeyi vyoba bica vyagira umuryango wose ?

Ivyo biri mu butumwa twarungikiwe n'umwe mu muryango wa Gรฉnรฉral Alain Guillaume Bunyoni atabariza abiwe. Twaganiriye turamubaza uko ibintu vyatanguye n'aho bigeze. Ibikuru bikuru yatuganiriye ni ibi bikurikira :

๐Ÿ”ด Ijoro ryo ku wa mbere.

Uwo twaganiriye yatumenyesheje ko abapolisi n'abakozi b'iperereza bageze ku rugo rwa Gรฉnรฉral Bunyoni mu Gasekebuye no muri Nkenga-Busoro isaha umunani z'ijoro ku wa mbere (17.4.2023). Baje barondera Gรฉnรฉral Bunyoni. Bamaze kumubura muri izo nzu hose, niho baca badukana ivyo kuvuga ko baje gusaka amahera.

"Ikintu cambere bakoze kwabaye gufata amatelefone yose akoreshwa n'abo basanze muri izo nzu. Mu Gasekebuye, barafunze ibitambara mu maso umukenyezi wa Gรฉnรฉral Bunyoni, Hyacinthe Niyonkuru, n'abana biwe, baca babajana muri รฉtage yo hasi babugaranirayo. Ako kanya baciye batangura guseha ibiri mu nzu muri รฉtage yo hejuru. Bamaze guheza kwiba ivyo hejuru, baciye baduza umugore n'abana muri รฉtage yo hejuru babugaranirayo, babona gutangura kwiba ivyo mu gice co hasi."

Uwatuganirije avuga ko hatwawe ibintu vyinshi cane, kandi ko vyagenda n'imodoka z'igipolisi.
"Imodoka ya pick-up y'igipolisi yagumye iza iraza guseha. Hariho iyahavuye inanirwa irakwama. Yo iri muri bwa bwoko bundi bw'imodoka z'igipolisi zera, umengo zavuye muri Darfour canke Centrafrique".

Iri soko ryacu rivuga ko n'ibikoresho vy'ishure vy'abana vyibwe. "Mu bisanzwe baje kwiba ico babonye cose. Abantu bivye n'ibikoresho vy'ishure vy'abana ! Ordinateri z'abana barazijanye, co kimwe n'ibindi bikoresho."

๐Ÿ”ด Ejo barivye Imodoka

"Ejo baraje, bafata imodoka y'imfura ya Bunyoni isanzwe ikora kwa Ziranotse, bategeka umushoferi kwinjiramwo, baca baragenda bayijanye. Kugeza ubu ntituzi iyo imodoka iri canke iyo umushoferi ari."

๐Ÿ”ด Abana ntibakija kw'ishure

"Ibi bintu birimwo akarenganyo katagira izina. Kuva ku wambere abana ntibarekuriwe kuja kw'ishure. Abana b**a ni batatu. Mukuru nawe akora kwa Ziranotse none ntarekuriwe gutonda ku kazi. Babiri basigaye nibo ataho batonda bari basanzwe baguma muhira."

๐Ÿ”ด Iterabwoba ridasanzwe

"Kwa Bunyoni mu Gasekebuye huzuye abapolisi ahantu hose. Mu nzu ku ma รฉtages hose ni abapolisi, mu kigo hose n'abapolisi. Mu muryango ntidushobora kuja kuraba abacu. Amakuru tuguma turonka nuko abapolisi baguma baturubika muka Bunyoni ngo niyerekane iyo umugabo ari, ngo atari gutyo nawe baramujana. Muri Nkenga-Busoro basanzeyo inabukwe wa Bunyoni, nawe nyene niyo yugaraniwe."

"Ikindi mwomenya nuko abapolisi bahacunze baguma bahindurwa. Ubutegetsi bwikeka ko abapolisi bariko baratanga amakuru. Ejo bazanye abo ku kirimba kwa Ndayishimiye n'abacungera Ndakugarika ngo nibo batovuga. Ariko tuguma turonka amakuru y'ibiberayo."

๐Ÿ”ด Bunyoni ari hehe ?

Tumubajije iyo Bunyoni ari, uyu twavuganye yavuze ko nabo batabizi, ariko ko yibaza ko Bunyoni atakiri mu gihugu. Bimwe muvyo yavuze ntidushimye kuvyandika ku mvo y'umutekano.

๐Ÿ”ด Umuryango usaba iki ?

"Twebwe dusaba ko uburenganzira bw'abacu bwubahirizwa. Turasavye bajaneyo abamenyeshamakuru birabire uko umuryango wa Bunyoni umerewe. Nimba Bunyoni afise amakosa bamwagiriza, ayo makosa ntaca aba ay'umuryango wose. Nawenu nta kosa ry'umuvyeyi ryotuma umwana bamubuza kuja kw'ishure. Wewe turazi ko uharanira agateka ka muntu kandi ko ico wanditse gisomwa n'abarundi benshi cane mu mwanya muto. Turazi ko ata muntu n'umwe wanka, turagusavye udufashe ushire ahabona akarenganyo kariko karakorwa ku muryango wa Bunyoni. Mu mwanya wambere twarakurondeye turakubura. Ubu ko tukoronse turatomboye. Bishire ahabona abarundi bose bamenye ibiriko biraba, kumbure hoboneka agahengwe ku muryango."

Twaronse n'ubundi butumwa bwavuye ku mubanyi wa Bunyoni mu Kanyosha yatubwiye uko vyagendeye inabukwe wa Bunyoni. Nawe nyene ivyo yavuze bisa n'ibi twahawe n'umuryango, mushobora kubisoma kw'ifoto y'ubutumwa bwiwe.

๐Ÿ”ด Mwa ba DD ntimuzosubire kwica abaharanira agateka ka muntu, mwohava mubakenera batakiriho !"

Kugira mukurikirane iyo nkuru fyinda hano๐Ÿ‘‡

https://www.facebook.com/100044589066824/posts/773056724190623/

18/04/2023

IBOMBORABOMBORA MU BATEGETSI BA CNDD-FDD

Kuva mw'ijoro ryo k'umunsi w'Imana mu bategetsi bakomeye ba Cndd-fdd mu nzego zitandukanye imitsi yaranze kubera ibiriko biraba.

Vyatanguye neza na neza mw'ijoro ryo kuwa 16 Ndamukiza 2023 aho havugwa amakuru yuko Colonel Innocent Museremu ajejwe iperereza ryo hanze y'igihugu agiye gukurwa.
Vyahavuye bigenda uko nyene ku munsi wambere niho hasohoka itangazo rikura Colonel Innocent Museremu asubirizwa na Colonel Pierre Claver Nzisabira.

Benshi bakomeje kwibaza ibiriko biraba mu bicocoro vya Cndd-Fdd kuko ku muhingamo wuyo munsi nyene habonetse abapolisi benshi ku ngo Zibiri zuwahoze ari umushikiranganji wambere General Guillaume Bunyoni, Murugo ruri muri Bujumbura, Quartier Gasekebuye hamwe n'urundi rugo ruri Mu ntara ya Rutana amakuru avuga ko bariko barasaka aho havugwa ko murizo nzu hanyegeje amafranga menshi agera mu ma miliyaridi arko rero bakaba ata n'igiceri bahakuye hose.
Ikindi gitangaje nuko na General Bunyoni batamusanzeho haba Mu Gasekebuye canke mu Rutana.
Nkuko amakuru ashikira Ikinyamakuru Ncuti avuga ko Gรฉnรฉral Bunyoni yakebuwe na Colonel Museremu hamwe na Colonel Desire Uwamahoro arongoye igiporisi kigwanya imigumuko, bamubwira ko vuba vyanse bikunze bagomba kumufata agatabwa mu mvuto, banamubwira ko ivyo General Ndayishimiye Evariste amaze iminsi avuga vy'abatunze amafranga menshi mu ngo zabo ariwe bigomba gutangurirako. Amaze kuvyumva niko gufata ya mafranga akarondera abamufasha kuyahindura mu madorari ahejeje ategura guhunga kwiwe. Ivyo yarabikoze ivyo bikorwa vyose vyabaye mu ngo ziwe yamaze guhunga. Amakuru adushikira avuga ko yoba yahungiye muri Tanzaniya.

Inyuma yivyo vyose Colonel Dรฉsirรฉ Uwamahoro nawe bamukomboye mu mabanga maze haca hategekwa ko uko ari babiri Uwamahoro na Museremu bose bafatwa bagafungwa. Kugeza ubu amakuru naho ageze.

Kugeza ubu hibazwa ko General Neva ariko ararondera abo yegekako ubukene n'inzara igisibije mu gihugu kuko bisa nivyabuze uko bitorerwa inyishu. (Iyi n'inkuru tugiye kuzobakorera vuba )
Ikinyamakuru NCUTI turakomeza gukurikiranira hafi ivyiryo BomboraBombora.

Kugira mukomeze kudukurikira Fyonda ngaha ๐Ÿ‘‡
https://www.facebook.com/Journalncuti
Hanyuma mufyonde kuri S'abonner canke Follow

  Umuryango wa Perezida Evariste Ndayishimiye urakomeza kuvugwa mu bunyonyezi butandukanye, inyuma yaho hatanzwe imfasha...
04/04/2023

Umuryango wa Perezida Evariste Ndayishimiye urakomeza kuvugwa mu bunyonyezi butandukanye, inyuma yaho hatanzwe imfashanyo y'umuceri ungana n'amatoni 910 itanzwe na leta y'ubushinwa, budakeye na kabiri murizo toni umugore w'umukuru w'igihugu Angelique Ndayishimiye yaciye apakira itoni 25 azirungika mu gihugu ca Guinรฉe ร‰quatoriale. Ivyo bikaba biruko mu gihe mu gihugu cacu inzara iturembeje aho ibiciro vyivyankenerwa vya buri musi hafi ya vyose vyaduze birengeje. Imfashanyo nkiyo ntiyarikwiye guhabwa amahanga kandi natwe twayironse tuyibabaye.
EWE CNDD-FDD URATURIYE !! ๐Ÿ˜ข๐Ÿ˜ข

06/03/2023

ubu rero nu gusenga ku gikenye yabaye reta nshengero?

06/03/2023

afrique et Democratie

06/03/2023

nigute twotandukanya Ishari ndayishimiye afitiye abo yama yagiriza ku maradiyo ngo nabasuma ntabafate mugabo nawe agakora nkivyo bakora mbere akanabasumvya

๐ˆ๐˜๐Ž ๐”๐’๐‡๐€๐Š๐€ ๐Š๐–๐ˆ๐‚๐€ ๐ˆ๐Œ๐๐–๐€ ๐˜๐€๐–๐„ ๐”๐˜๐€๐†๐ˆ๐‘๐ˆ๐™๐€ ๐Š๐Ž ๐˜๐€๐’๐€๐™๐„Abaciye uyo mwibutsa bafatiye ku bubi buterwa niyo ngwara yโ€™ibisazi bita ...
20/02/2023

๐ˆ๐˜๐Ž ๐”๐’๐‡๐€๐Š๐€ ๐Š๐–๐ˆ๐‚๐€ ๐ˆ๐Œ๐๐–๐€ ๐˜๐€๐–๐„ ๐”๐˜๐€๐†๐ˆ๐‘๐ˆ๐™๐€ ๐Š๐Ž ๐˜๐€๐’๐€๐™๐„

Abaciye uyo mwibutsa bafatiye ku bubi buterwa niyo ngwara yโ€™ibisazi bita (Rage), Abahinga bavugako ubuhari ubwoko 14 bwiyo ngwara kandi ko yoba yica abantu ibihumbi 70 ku mwaka na cane cane muri Afurika, ikindi nuko iyo ngwara yoba imaze imyaka yababa 4000 imenyekanye murumva ko yamye ihangayishije cane ikiremwa muntu kuko iyo igikoko na cane cane cโ€™igitungano canduye iyo ngwara, igihindura ikiryanyi, Kandi umuntu kiriye nawe aca yandura. Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ubuzima (OMS) rishira ku rwego 10 mu ngwara zandukira kandi zica benshi.

Uyo mwibutsa kandi ukunda gukoreshwa nโ€™abategetsi muvya politike na cane cane iyo bavuga abo bagendanye nabo mu rugamba rwoguharanira inyungu za politike, iyo babuze uko bakwikura. Uko rero niko na Ndayishimiye Umukuru wโ€™igihugu cโ€™uburundi akora. Mu buzima bwa politike hari Amajambo abiri akora cane mu Guhiganwa no Gukebana. Kandi rero Suguhiganwa canke Gukebana nโ€™abari inyuma yabo, oyaaaa!! Ahubwo biba hagati yโ€™abatwara. Iyaba uko Gukebana canke gusharikana Varisito yabikora kuneza yโ€™abanyagihugu, igihugu muriyi myaka iriko yababa itatu ari kโ€™ubutegetsi haba hariho nimiburiburi akamenyetso ko bizogenda neza.

Ndayishimiye varisito Ameze kurya kโ€™umugore yaharitswe nโ€™umugabo akaba asangiye umugabo nโ€™uwundi mugore. iyo umugabo arongoye umugore wa gatatu, akenshi usanga umugore Mukuru aca agerageza kumvikana nuyo wagatatu kugira ngo ababaze uwakabiri naho nuyo wa gatatu ataba amushimye. Varisito ntiyerekwa na gato abatavuga rumwe na CNDD-FDD mugabo kubera abakeba benshi afise mu mugambwe wiwe, iyo ariko arabivuna abantu benshi cane cane abahora bahahazwa canke barenganywa bibazango Varisito vyofuma, Mugabo ibibera mu gihugu hagati aho atamuntu numwe agenda muyindi komine atavukamwo kuramukanya kuko abo aba yagiye kuraba baca babarara kumugono babaza iyo uwabagendeye aba avuye nicamuzanye. kuko abanyagihugu varisito yabahinduye abana biwe.

๐€๐ค๐š๐ซ๐š๐ง๐ ๐š ๐คโ€™๐ข๐ง๐ค๐จ๐ง๐š ๐ค๐š๐ ๐ข๐ณ๐ฐ๐ž ๐งโ€™๐ข๐ง๐ ๐ข๐ง๐ ๐จ ๐ง๐ค๐ฎ๐ซ๐ฎ ๐ง๐ค๐ฎ๐ซ๐ฎ ๐ณ๐ข๐ญ๐š๐ญ๐ฎ:
1) Rapaces planeurs diurnes : ikinyamunoho kigenda-genda hejuru amasaha 24 kuri 24
2) Avec les grandes serres : Amaguru akomeye yโ€™inkona ayifasha gucakira ivyo Isahuye
3) Une vue percante : kubona ivyinyegeje kure
Ndayishimiye varisito rero ntashobora guhindura akaranga kโ€™inkona kuko Yoca ipfa.

๐Œ๐ฎ๐ ๐š๐›๐จ ๐ซ๐ž๐ซ๐จ ๐ค๐ฎ๐›๐ž๐ซ๐š ๐”๐›๐ฎ๐ค๐ฎ๐ง๐ณ๐ข ๐›๐ฐ๐ข๐ง๐๐š ๐›๐ฐโ€™๐ข๐ง๐ค๐จ๐ง๐š ๐ข๐ค๐ฎ๐ง๐๐š ๐ค๐ฐ๐ข๐œ๐ฐ๐š ๐งโ€™๐ข๐›๐ข๐ง๐ญ๐ฎ ๐ง๐ฒ๐š๐ฆ๐ฎ๐ค๐ฎ๐ซ๐ฎ ๐›๐ข๐ญ๐š๐ญ๐ฎ :

1) Ubumara isanga munyama zโ€™ibikoko iba yanize : Basokuru ngo inda ndende ihumira indya, Umwina wโ€™ubutunzi ubonekera mu ndongozi zโ€™umugambwe utwara niwo wishe igihugu.
2) Ukuvuturura kwโ€™inkona kukintu cose ibonye kigendagenda ndetse na kenshi ikita no kubikoko biyisumba uburemere igaca ihasiga ubuzima, rero no Kuntwaro ya bene nkona miko bitwara basumira buri kintu cose, ntakintu na kimwe bataryako igiturire kuko bobo hako babura ico bakuryako vyotuma biburanivyo. Niho haca hava ikena ryโ€™ibintu vyinshi mu gihugu.
3) Kubera kwama ikanuye amaso ngo irabe ico isahura, ikunda kwicwa nโ€™ubumara buciye mu bihimba vyihemero bita (saturnisme aviaire) Ikintu kizokura CNDD-FDD kโ€™ubutegetsi nโ€™ubukunzi bwโ€™inda no kwigana akaranga kโ€™ubukoko kandi arโ€™abantu.

Birashoboka ko tutoshobora guhindura ibihe vyโ€™ubukene turiko ducamwo, canke ngo duhindure ibihe vyibirere, eka mbere ntitunashobora guhindura ingene umuyaga uriko urahuha. Mugabo, turashobora kwihindurira twebwe ubwacu Ubuzima tubayemwo uno musi nโ€™ingene tuvyifatamwo. Iyo Wemeye kubeshwa ko ejo ari heza ukabibwigwa nโ€™abategetsi bamaze imyaka 18 batwara ata nyishu yโ€™ibibazo batora, imbuto yavyo ica iba ; kubura essence ngo ejo niheza, ntakazi ngo ejo ni heza canke ngo muri ibinebwe, ibintu vyankenerwa bikabura ngo ejo niheza. Rero Munyagihugu nubanze uhindure uko wiyumvira kuko nivyiza ko twigira kubimenyetso tubona, abavutse mu mwaka wa 2000 uno musi bafise 23, ntabandi bategetsi bazi uretse abo bavuga ngo kera vyari bibi, Igihugu ntigitwarigwa muri kahise, kandi igihugu ntibakivukanirako. Umutegetsi wese akwicisha inzara niwe mwansi wโ€™igihugu.
๐‡๐ˆ๐๐ƒ๐”๐‘๐€ ๐‡๐ˆ๐๐ƒ๐”๐‘๐€ ๐ž๐ฃ๐จ ๐ง๐ญ๐ข๐ก๐š๐ณ๐จ๐›๐š ๐ก๐ž๐ณ๐š ๐ฐ๐ž๐ฐ๐ž ๐ฎ๐๐š๐ก๐ข๐ง๐๐ฎ๐ฒ๐ž ๐ฎ๐ค๐จ ๐ฎ๐›๐จ๐ง๐š ๐ฎ๐›๐ฎ๐ญ๐ž๐ ๐ž๐ญ๐ฌ๐ข.

Muruyumwanya no muriyi saha hamaze gupfa abantu ibihumbi 22300 muri  turukiya na Siriya kubera Nyamugigima.. Umuvuduko w...
10/02/2023

Muruyumwanya no muriyi saha hamaze gupfa abantu ibihumbi 22300 muri turukiya na Siriya kubera Nyamugigima.. Umuvuduko w'.Imfashanyo bari biteze siko biriko bigenda kandi babandi ngo Ivyago ntibisiga ibindi ivyo vyago biriko biba vyunyuwe cane n' ibirere vyifashe nabi cane .kubera ubukanye.buguma bwiyongera mugihe bamwe mu abarokotse bagihanzwe naho bakika Umusaya..Mubaterere Igisabisho..

09/02/2023
ncuti z'imana mubandanye gusengera abanya turukiya na siriya ubu abafuye bageze ku bihumbi cumi na bitanu nkuko tubukesh...
09/02/2023

ncuti z'imana mubandanye gusengera abanya turukiya na siriya ubu abafuye bageze ku bihumbi cumi na bitanu nkuko tubukesha ikinyamakuru caba faransa..

Abantu babandanya kwiyongera inyuma yaki nyamugigima cibasiye ibihugu vya turukiya na Siriya ubu uko bimeze nkuko ikinya...
08/02/2023

Abantu babandanya kwiyongera inyuma yaki nyamugigima cibasiye ibihugu vya turukiya na Siriya ubu uko bimeze nkuko ikinyamakuru ca bafaransa kivyerakana kur'uyumwanya mu masaha 48h hamaze gufa abantu ibihumbi 11200 abasenga mu bandanya kubasengera abari musi yibihomoka vya mazu...na cane cane mugihe hari imbeho yumurengera..Imana ibabe hafi

    sasa bandugu uyu commissaire marie rose anatesa batu ku soko ya siyoni mu bitenge iyo systeme ya bwizi. Inatesa ba c...
06/02/2023

sasa bandugu uyu commissaire marie rose anatesa batu ku soko ya siyoni mu bitenge iyo systeme ya bwizi. Inatesa ba comercante ba bitenge...kazi yaba police ni kucunga securite ya soko. Siyo kubandua bandua ma vignette ku bitenge. Juu muuiibe batu. Siyoni na Office Burundais des Recettes tabara tabara abanyesoko.

    Mw'itangazo ryasohowe kuruyu wa 3 Ruhuhuma 2023 na Musitanteri wa komine Bweru Mu ntara ya Ruyigi NIYIBITANGA Diane ...
06/02/2023

Mw'itangazo ryasohowe kuruyu wa 3 Ruhuhuma 2023 na Musitanteri wa komine Bweru Mu ntara ya Ruyigi NIYIBITANGA Diane aho yategetse ko ata Bikorane canke Imanza zemewe gukorwa inyuma y'isaha 12 z'umugoroba, ndetse ko ata Soko ryemerewe kurema inyuma yiyo saha; akabirya hejuru y'ivyo vyose nta muntu w'igitsina Gore n'umwe yemerewe kurenza isaha 1 y'ijoro ari mw'ibarabara, izo ngingo zose yazifashe ngo mu ntumbero yo gukingira umutekano. Tukaca twibaza mbega Musitanteri arafise ububasha bwo gufata ingingo ya NTUKAKAZE (couvre-feu) kandi iyo ngingo ikaba iraba ab'igitsina kimwe? ikirenze ivyo Mbega hoho Musitanteri arafise ububasha bwo guhagarika ubuzima bwa Komine? Ko abategetsi b'uburundi birigwa baravuga ngo amahoro n'umusesekara? Canke ni rya Jambo wa munyepolitike SINDUHIJE Alexis aherutse kuvuga mw'ijambo yashikirije yifuriza abarundi Umwaka mwiza Mushasha aho yagize "AGACERERE SI IKIMENYETSO C'UMUTEKANO KANDI UGUHORA SI IKIMENYETSO C'AMAHORO" Ncuti mudukurikirana iyi ngingo muyibona gute?

04/02/2023

Impamvu nโ€™ibimenyetso bitabesha vyerekana ko reta yananiwe.

Mu mwaka wโ€™ 1914 inyuma yisambuka ryโ€™ibihugu vyari bigize ico bita ottoman, Uno musi gisigaye citwa Turukiya. Ico gihe ibihugu vyari bizwi ku rwego mpuzamakungu vyari 55 gusa; Vyageze mu 1919 bishika kuri 59 nayo mu 1950 vyari bish*tse kuri 69; inyuma gato yโ€™imyaka cumi, kubera ibihugu vyinshi vyariko biharanira intahe yokwikukira bimwe bimwe vyo muri afurika ibihugu vyari bizwi vyari bigeze kuri 90. Munyuma gato haba muri aziya no muri afurika haboneka ibindi bihugu vyinshi vyikukira maze biza kugwizwa n'isambuka ryโ€™igihugu cahoze citwa URSS, ubu casigaye citwa uburusiya gusa, ivyo vyatumye ibihugu bishika ku 191. Ariko mu mwaka wa 2002 vyari bigeze kubihugu 202 bigize isi yose. Murumvako ugusambuka kwa za reta si bishasha kandi inkomoko yiryo sambuka ahenshi nโ€™intwaro mbi.

None ivyo vyava kuki?
Impamvu ibitera ni:

1. Kunanirwa kugaburira abanyagihugu: iyo reta yananiwe kugaburira abanyagihugu n'imiburiburi kabiri k'umunsi, iyo nโ€™impamvu ikomeye cane ituma abanyagihugu bahaguruka bakiyamiriza reta kuko inzara ntiyirengagizwa, ntakโ€™iruhuko igira, ntโ€™amashuri ikeneye, ntavyโ€™intara uyizanako, ntavyโ€™imigambwe izi, ushonje uba ushonje ntakindi iyo reta rero idashobora kukugaburira yokubesha kandi isari ikwishe, abanyagihugu vyihuta canke bitihuta reta barayisenyura.

2. Kunanirwa guha kazoza keza abana b'igihugu iyo abana bโ€™igihugu batiga neza canke naho iyo bahejeje kwiga ntibaronke akazi ico n'ikindi kimenyetso cerekana reta yarushe, Aha iwacu abana ntib**a neza, indero yaratitutse, ubushomeri nabwo bugeze kubice 80% ukubura akazi mu gihugu vyahinduye amareta menshi kw'isi. Aha iwacu kubera ubwoba bwa reta ihari, yatoye inzira yo kwomora abaja kurondera akazi mu gisagara abandi bagakoreshwa ku nguvu atagahembo ibikorwa vyo kuzibura imiferege, canke kuyora imyanda kugitsure, ico naco ni kimenyetso ca reta iyogayoga(weak state)

3. Kunanirwa kuvuza abanyagihugu: Iyo abanyagihugu batakironka ubushobozi bwo kuja kwa muganga iyo barwaye. Rwa ruririmbo rwo kuvura abana k'ubuntu, rwarayongobeye, ingwara nyishi ubu abanyagihugu barwaye ziva ku nzara N'amazi mabi. ivyo birakwiyeko reta isenyuka

4. Kurya ibiturire: Iyo ibiturire vyabaye ndanse mugihugu ntakintu nakimwe wokora mu burundi udatanze igiturire na Perezida aravyivugira ugiye mu ma komine nโ€™igiturire, muri sentare nโ€™igiturire, ikintu cose ukenera munzego za reta n'igiturire. Aha ntituvuze ivyโ€™urupapuro rwinzira (passeport) ngo tuvuge ivyโ€™uruhusha rwo gutwara imodoka (permis de conduire) ivyโ€™igiturire rero vyabaye akaranda mu gihugu. Izo ngingo zine gusa nizo ahanini zagiye zituma ama reta menshi asenyuka. Wa wundi ngo Agacerere s'ikimenyetso cโ€™umutekano kandi Guhora s'ikimenyetso cโ€™amahoro. Ve hasi igihe niki, Umwe wese !!

Ikintu cose gifise Igiciro caco!!

Ubwenegihugu burangwa nโ€™ibintu bitatu.
Kugira igihugu wegukira
Kugira uburenganzira
kugira uruhara mu gihugu.

Ubuzima turiko turemera uno musi nuko twemeye ya migani ngo uwufise umutwe muto awurinda uruguma ariko kuva igihe tugiriye ubwoba bwo gupfa tumaze guhamba abacu benshi bapfuye urw' akarago kuko abariho bose bazi ko bazopfa.
Hari ibintu bitatu Imana yaguhaye atamuntu numwe yobigutwara.

1. uko wiyumvira nโ€™ivyo wiyumvira.

2. Amashusho ushobora kwiyereka mu vyiyumviro

3. ingene witwara ku kintu cose ukora

Menyako rero Ingene ukoresha ivyo bintu bitatu nivyo vyerekana ubuzima uriko uracamwo uno musi. Nimba udashimishijwe nโ€™umwimbu waronse, ushaka ko umwimbu wiyongera gute kandi utahinduye ingene urima? nuhindure inyishu wama wiha iyo wibajije uko bizogenda, reka gutora inzira yoroshe ngo ntakundi!! Nuhindure indoto zawe ko bizokwikora canke ngo bizokora abandi kuko abandi urabona ko bariko bagucurika bagucuranura niwabandanya kurya amagi aboze ngo nuko wahumirije ntibizohindura ukubora kw'amagi. Ntamuntu numwe yitega ihinduka iyo agumye uko yamye Igihugu n'icacu nโ€™uruvyaro rwacu. Ve hasi n'abandi barabikoze birashoboka.

  Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, iterambere rusangi n'umutekano bwasohoye itegeko nshikiranganji rishiraho urweg...
18/01/2023

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, iterambere rusangi n'umutekano bwasohoye itegeko nshikiranganji rishiraho urwego (commission) rujejwe gukurikirana ivyakozwe hamwe n'ivyabaye mu gipolisi kuva kuwa 31 kigarama 2004 kugera kuwa 31 kigarama 2022 (Mu myaka 18). Urwo rwego muvyo ruzokurikirana ni nko kumenya igitigiri c'abapolisi bose n'abafasha igipolisi murico kiringo cose, kumenya abapolisi bapfuye n'abakivuyemwo (Dรฉserteurs), kumenya amakuru y'abagihozemwo baronka service za INSS na MUTUELLE, kumenya abigenjeje nabi bagakora amanyanga atandukanye bari mu gipolisi n'ibindi n'ibindi.

Ikinyamakuru NCUTI dukoze isesangura ivyo biboneka ko ari umukenyuro wa leta ya Ndayishimiye Evariste agomba gushira hasi cane General Bunyoni no kumunumya burundu canke ikindi icarico cose cotuma atongera kuba intambamyi ya Evariste mu buryo ubwo aribwo bwose kuko naho yamukuye bisa nkaho nubu akimutinya ko ataco yotegura kibi.

Ivyo muti bibonekera hehe?

Ikiringo bahayemwo urwo rwego ngo rukoremwo amatohoza ni naco kiringo General Bunyoni yatwaramwo igipolisi. Kuko

- Kuva 2004 gushika 2005 yitwa inspecteur mukuru wa police.
- 2005 gushika 2007 yari Chef mukuru wa police.
- 2007 gushika 2011 yari umushikiranganji ajejwe umutekano
- 2011 gushika 2014 yari umuyobozi mwishikira mu biro vy'umukuru w'igihugu.
- 2015 gushika 2020 yongeye kuba umushikiranganji ajejwe umutekano.
- Muri Ruheshi itariki 23 mu 2020 atorwa n'inama nshingamateka kuba umunshikiranganji wambere gushika abogojwe..

Ari mubantu batanguje kubaka igipolisi gishasha kivuye mu masezerano ya Arusha amanyanga yose yakozwe mu gipolisi niwe yoyabazwa ubwambere.
ubwo ntibagira bamucakire mwizosi...?Mukunzi wa Ncuti ubivuzeko iki?

Agaciwe karuma!!!

Address

209sh
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Journal Ncuti posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Journal Ncuti:

Videos

Share



You may also like