Irembo Magazine

Irembo Magazine Media qui informe sûrement et ponctuellement

AMASENTARE ATATU Y'INTANGO ARAMUTSWA ABAKURU BASHASHAAyo nayo ni Sentare y'intango yo mu Rumonge, Iyo i Busiga hamwe n'i...
08/07/2022

AMASENTARE ATATU Y'INTANGO ARAMUTSWA ABAKURU BASHASHA

Ayo nayo ni Sentare y'intango yo mu Rumonge, Iyo i Busiga hamwe n'iyo i Muramvya.

Emmanuel NDAYIZIGIYE yagenywe kuba umukuru wa sentare y'intango mu Rumonge, Dieudonné NTIRABAMPA agiye kurongora sentare y'intango y'i Busiga, mu gihe Joselyne NIZIGIYIMANA agiye kurongora sentare y'intango ya Muramvya.

Abo bose bagenywe n'itegego ry'Umushikiranganji w'Ubutungane Domine BANYANKIMBONA, ryo kuwa 29 ruheshi 2022.

 : UWAHOZE ARI UMUSHIKIRANGANJI WA MBERE YITAVYE IMANAShinzo Abe yitavye Imana mu gatondo ko kur'uyu wa gatanu igenekere...
08/07/2022

: UWAHOZE ARI UMUSHIKIRANGANJI WA MBERE YITAVYE IMANA

Shinzo Abe yitavye Imana mu gatondo ko kur'uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 mukakaro 2022, ahitanywe n'ibikomere bivuye ku masase yarashwe.

Amakuru dukesha ibinyamakuru vyo ku mugabane wa Buraya, Shinzo Abe yarashwe igihe yariko ashikiriza ijambo ryo kwiyamamaza ahitwa Nara mu burengero bw'Ubuyapani.

Umunyamabanga mukuru wa Reta, Hirokazu Matsuno, yabwiye ibinyamakuru ko uwikekwa kurasa Shinzo Abe yamaze guhagarikwa.

Shinzo Abe yitavye Imana ku myaka 67, akaba yari yabaye umushikirangaji wa mbere amaze imyaka myinshi muri ico kibanza, mu gihugu c'Ubuyapani.

UKWIKUKIRA: IGITERAMO CAMAZE GUTANGURAMu ntumbero yo guhimbaza imyaka 60 iheze Uburundi beikukiye, umurwi utegura iminsi...
30/06/2022

UKWIKUKIRA: IGITERAMO CAMAZE GUTANGURA

Mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 60 iheze Uburundi beikukiye, umurwi utegura iminsi mikuru y'igihugu yatunganije igiteramo.

Ico giteramo catewe iteka n'umukuru w'igihugu Ari kumwe n'umutambukanyi wiwe.

Ibirori biriko bibera Ku kibuga citiwe intwari, mu gisagara ca Bujumbura.

Ico giteramo catewe iteka kandi n'icegera c'umukuru w'igihugu, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, umukuru w'igisagara ca Bujumbura n'abandi.

ENS: AGAFASHANYO-NGURANE KAGIYE KUBONEKANk'uko biri mw'itengazo ryateweko umukono n'uwuserukira abanyeshuri mw'Ishuri Ka...
30/06/2022

ENS: AGAFASHANYO-NGURANE KAGIYE KUBONEKA

Nk'uko biri mw'itengazo ryateweko umukono n'uwuserukira abanyeshuri mw'Ishuri Kaminuza Nderabigisha ENS, Ako gafashanyo-ngurane Kari kw'ikonte gashikirako mw'ibanki MUTEC.

Egide MUGISHA amenyesha iyo mfashanyo-ngurane Ari iy'abanyeshuri b**a mu myaka ya mbere, ya kabiri n'iya gatatu mu gice ca mbere, hamwe n'imyaka ya mbere n'iya kabiri mu gice ca kabiri Master.

Egide MUGISHA ashimira abanyeshuri Kuba barihanganye Kandi bakaguma bafatanye mu nda mu gihe agafashanyo katari bwaboneke.

ABARI BASIGAYE NABO BAGIYEAbigeme bagiye guserukira igihugu mu murwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba bafashe indege k...
30/06/2022

ABARI BASIGAYE NABO BAGIYE

Abigeme bagiye guserukira igihugu mu murwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba bafashe indege kur'uyu wa Kane, igenekerezo rya 30 Ruheshi 2022 berekeza igihugu ca Maroc.

Umurwi wa mbere wari wagiye kur'uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Ruheshi 2022, ujanye na bamwe mu bawuherekeje.

Umurwi nserukiragihugu w'abigeme uri mu murwi urimwo ibihugu vya Afrika y'Epfo, Nigerie na Botwana.

Mu rukino rwa mbere, abarundikazi bazokina n'umurwi wa Botswana.

IMIRWI CUMI IZOTORWAMWO MWIZA W'UMWAKA YAMENYEKANYEIshirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Africa CAF ryashize ahabona imi...
30/06/2022

IMIRWI CUMI IZOTORWAMWO MWIZA W'UMWAKA YAMENYEKANYE

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Africa CAF ryashize ahabona imirwi cumi nserukirabihugu izotorwamwo umurwi mwiza w'umwaka.

Umurwi w'umwaka uzomenyekana kw'igenekerezo rya 21 mukakaro 2022, buca haba urukino rwa nyuma ruhuza imirwi nserukirabihugu mu bigeme, mu gihugu ca Maroc.

Iyo mirwi cumi ni: Burkina Faso, Egypte, Comores, Cameroun, Gambia, Mali, Senegal, Maroc, Tunisie na Guinée Equatorial.

THILO KHERER YOBA AGIYE GUTANDUKANA NA PSGUmukinyi Thilo Kherer yoba agiye gutandukana n'umurwi Paris Saint Germain.Ikin...
30/06/2022

THILO KHERER YOBA AGIYE GUTANDUKANA NA PSG

Umukinyi Thilo Kherer yoba agiye gutandukana n'umurwi Paris Saint Germain.

Ikinyamakuru 90min dukesha aya makuru nticavuze iyo yoba agiye kwimukira.

Thilo Kherer asanzwe afise umuvyeyi umwe avuka mu Burundi.

30/06/2022

Irembo Magazine, amakuru agezweho ku mwanya

Address


Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Irembo Magazine posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Irembo Magazine:

Share

Category