04/12/2023
🤔 None Nivyo?
Harya ukeneye inkuru y'ukuri ni mpaka uyikure ku mugabo?
😏 Kumbe ngo nta jambo ry'umupfasoni
😑 Ivyo vyadaditswe na nde? Ni nde azobidadanura?
A place of voices and faces | Un lieu de voix et de visages | Aho babonanira bakanaganirira |
(1)
Lancé en mars 2016, le Magazine Jimbere est une plate-forme médiatique de l’Association des Éditeurs du Magazine Jimbere (ASSEMAJI – asbl agréée le 06/06/2017) qui s’engage, de façon générale, à former, éduquer et divertir les jeunes, avec une attention particulière sur la condition féminine au Burundi.
🤔 None Nivyo?
Harya ukeneye inkuru y'ukuri ni mpaka uyikure ku mugabo?
😏 Kumbe ngo nta jambo ry'umupfasoni
😑 Ivyo vyadaditswe na nde? Ni nde azobidadanura?
Nturare utarivuze 🗣️
Ivy'ejo bibara ab'ejo 🤷🏽♂️
Wosanga hari uwundi amukunda 🤪
Akagutanga akarikocora (King James) 👀
tubabwire
😀 Mbe harya mwahebanye kubera iki?
, tuvuge ibintu tutihanganira mu rukundo 😑
Twari tubakumbuye kandi, ❤
Umuhungu n'umukobwa boba aba besto gusa atakindi kigiyemwo? 😏
Twibutsanye ibi bintu 😩
Kuri uno munsi wahariwe agateka k'abana, twibutsanye ibintu twabwiwe tukiri abana, kumbure bitari ukuri ijana kw'ijana ariko twubahirije gushikaaaaa 😂
Ico wibuka ni ikihe?
Ababirenzeko bakica iyo miserebanyi, twizere ko mwahindutse 🥺
🙈 ngo abapfasoni nibo bamana ingorane bigatuma umugabo ahitamwo kugira akazi kenshi hako ataha kwumviriza ibibazo biri muhira?
🤔 Diogène uramushigikiye?
Ikiganiro cose https://www.youtube.com/watch?v=fT9Jf6tfrto
Twarababajije nimba abo mukorana bashobora guhungabanya urugo rwawe.
Bamwe bati ego, abandi bati ekaa niwe uba wabirondeye
Kesho, we drop the second episode of
Uraguma hafi, cane cane kuri Youtube 😘
😂 Tuve kuba ex tuje kuba chuchu mu créa kukazi 🤣 Yeah, ntakaruhuko 😎
Wavuye gusenga? Ingo tuvuge umu ex wawe rero 😂 Ego,
Ushigikiye Diogène canke Chandelle?
゚
😂 Muracavugana? Kubera iki?😅 Nimba waciye umukatira, ni kubera iki?Twivumbagaze hamwe na Diogène na ChandelleProduced by us onTwitter https:/...
Muhira bansaba amahera 🤷♂️
Ku kazi bampa amahera 😎
None ntiwumva ko ariho umuntu yomara umwanya munini, muvy'akazi, n'aba collègues 😉😂
Vya vrai ngo hari abo vyoba bitirimutsa? 🤔
Umwe aguma kukazi umwanya muninu yoba imvo yo kuvana?
weekend ice ibandanya
😂 Ntaco n'aba célibataires murahawe ikaze
Uwo ukunda ameze gutse? Asa gute? Ateye gute?
Tuguteze yompi
Uwuza kubona wamucafye uko ari uramwishura niyanyerera akagusanga inbox😝😜
Nta lundiose uyu munsi? 😘
Tubwire sasa ico u*i ku "mashuha" ?
🙈 Turasubiriye kubabaza, muriteguye kweli?
Bigira bishuheeeee, ba murabwira abagenzi💥💥💥
👀 Muri gado ibi bintu tubivuge?
🤔 Waramubwiye canke uzomubwira ayo uhembwa?
Si oui, pourquoi?
Si non, pourquoi?
Maximum 10 lignes 🤣🤣🤣🤣
Bon, ni lundi, maybe twari dufise lundiose, muga uko bimeze kwose 💥
𝗡𝘁𝗮𝗯𝗶𝗻𝘁𝘂 𝘂𝗺𝘂𝘁𝗶𝗺𝗮 𝘂𝗿𝗶𝗸𝗼 𝘂𝗿𝗮𝗸𝘄𝗮𝗻𝗸𝗶𝗿𝗮 𝗴𝘂𝗸𝗼𝗿𝗮 𝘂𝘆𝘂 𝗺𝘂𝗻𝘀𝗶 𝗺𝘂𝗴𝗮 𝗻𝗮𝘄𝗲 𝘂𝗸𝗮𝘃𝘂𝗴𝗮 𝘂𝘁𝗶 𝗠𝗮𝗳𝘂𝘂𝘂 🤣
Sasa ... nivyo?
Ngo vyoroshe bica bibiha🙈😂 ariko bibujijwe haba harimwo akantu 😉?
Please tell us, kandi reroo issa friyay 😍🔥
na mpaka ni weekend 🥳🥳
🙈 Amatwi adusumira rero ngo hari abapfasoni babujijwe n'abashingantahe babo gutonda ku bu*i uyu munsi ?
🙆🏿♂️ Hari n'abandi bagiye basiga abafasha umutima usimba (insécurités)...
Tubwire, vyagenze gute, bimeze gute ?
🙂 Okay ...
😝 Imvura yiriwe iragwa, maybe wamukumbuye, maybe waramusubirije, maybe nturamubabarira canke ushaka musubirane, ...
🤣 MAFU !!! Ivumbagaze, utsinde "EGO" yawe, hanyuma umubwire ikintu ...
😎 abatatu*i batumenye 😎
🇧🇮 Ni igiki Uburundi bwisangije, gituma buba bwiza? 🇧🇮
😍 Ēgó cāne, nâhó ubu harího abagabo batakivyīkoza, kèéra bàáratámika abagoré n’âbâna bâbo (kăndi ubu bwâtuzo buběreke kó bikomeyé cāne)
😎 Hàába hárihó umùúnsi, …
😋 Umugoré yìírirwa arasoroma utubogá tw’ûbwôko bwöse bàáshira ku biharage, agahéza akarunga. Agafata uburó bw’ûmwâka mushàásha agasya, akârika agacūmba.
🤩 Umutsíma uhîye agahákura imitsíma ibakwìíye, muníni akawuhēreza umugabo wîwé. Uno yaráheza akabega intoré ikwīyé umutámiro akamira avúga ati: "Umwâka mwīzá uwawûntegeyemwó arakawuheramwó"
🥰 Yacá abéga iyìíndi ntoré akayihēreza umugoré wîwé. Nawé agatámira avúga ngo: "Umwâka mwīzá uwawûntegeye mwó arakawuheramwó" (iyi romance muyitebekó 🥹)
😉 Umugabo agashîshikara, agahá n'âbâna.
😂 Noooooooone, baragútamika? Urabátamika? Cānké ntâkintu nakímwe ?
(Ni ibisanzwe, kazima ufungura 😅)
😆 Abo ivy'urukundo vyanse,
😅 Ngo "incabwenge" zirirwa mu ma nama (nk'uno munsi), ziguma zikora, ziga ibintu bidahera, zihura n'abantu ... ngo nta mwanya w'amapenzi zironka, bigaca vyanka ... 💔
nuko? Canke batubeshe? 😏
😅 Gerageza wibuke ivyo warose
😩 Twizeye ko atari bimwe vyo gukoroka udashika (mbe birya bisigura iki kweli?)
🧡 Umunsi mwiza 🧡
👀 Muti rero bimeze gute ivy'aba baheruka mu ?
ubu basubiye inyuma 😂
ngo hari abasize babateranije n'aba chéri(e) banyu? 🙊🙈🙉
🤨 Nombreux sont les jeunes mariés qui se retrouvent avec des dettes à rembourser sur le dos suite aux dépenses engagées pour leur union. Au , les célébrations de la dot et du mariage se transforment de plus en plus en de véritables fêtes aussi extravagantes que coûteuses. Tradition ou extrémisme culturel ?
Le mariage et la dot sont des institutions culturelles incontournables au Burundi. Cependant, ces célébrations se transforment de plus en plus en de véritables fêtes extravagantes, et la pression pour offrir des cérémonies de plus
🥔🌾 : Buramatari amenyesha ko umwimbu w'ibiraya n'ingano utifashe neza
------------------------
🌧️ Rémy Cishaho amenyesha ko hariho abarimyi batevye guteragira, imvura ica icika kare ivyo biterwa cane cane ingano n'ibiraya bica biruma
🙌🏾 Buramatari akabandanya yerekana umwizero ko kw'irima ryimirije, umwimbu uzohava ugenda neza kuko imyiteguro imeze neza, umwavu waramaze kukoneka hakaba hasigaye kuwushikana mu makomine atandukanye
💵 Ikiro c'ibiraya hariho abakigurisha 1.300 Fbu canke ayarenga, ibitunguru bitukura ikiro kiri ku 4.500 ivyera bigurwa 3.000 ku kiro
🧅 Abadandaji bakavuga ko mu Kayanza ata na hamwe ivyo bifungurwa vyeze. Ibitunguru bikeya ubu ngo biva mu ntara ya Kirundo
🌱 Buramatari wa Kayanza agahamarira abanyagihugu bose kwitaba akamo ko kurima umurima w'imetero 20 kuri 20 katewe n'umukuru w'igihugu kugira ngo hazoboneke ivyo gusahiriza imiryango itandukanye
📍 Uwo muyobozi akaba yashikirije ayo makenga kuri uyu wa 6 Mukakaro 2023 mu nama yaremesheje n'umushikiranganji wa mbere mu gihe mu gisagara ca Kayanza
⛽ Mu gisagara ca harangwa imirongo miremire y'abatondeye ibitoro
--------------------
📍 Kuri uyu wa 11/07/2023 imbere y'isaha zitandatu z'umurongo (12h), umurongo muremure uri mu gisagara hagati ahahora parking y'imiduga yunguruza abantu, hatonze imiduga mininiminini igwiriyemwo amabeni n'amafuso atwara imizigo canke ibindi bikoresho biremereye
✍🏾 Uwundi murongo w'imiduga canecane iyikoresha essence itonze hafi y'ibanki na . Abo bagendesha amapikipiki n'imiduga bafise umwizero ko bahava baronka ibitoro kuko babikeneye cane, bamwe bakanavuga ko indwi iheze ata na hamwe bakura ibitoro
💸 Ubukene bw'ibitoro bukaba bwatumye no kwiyunguruza bizimba cane, aho kuva mu Kayanza umanuka mu gisagara ca muri Hiace utanga ibihumbi 10 gushika kuri 15. Kuva mu Kayanza uja mu zindi ntara kw'ibeyi yahahora harenzeko 2.000 canke 3.000 Fbu
🤔 Aho iwanyu ivy'igitoro vyifashe gute ?
✍🏾 Mw'ishirahamwe bati: "Diplômes zitangwa na Reta ziba zizewe ko umuntu ashoboye, ivyo gukoresha ibibazo abasaba ubu*i vyokurwaho"
-------------------
📆 Kuri uyu wa 11 Mukakaro 2023, Ishirahamwe ryishinze kurwanya ubushomeri n'ihohoterwa (Association de Lutte contre Chômage et la Torture), ryatunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu ntumbero yo kugira ico bavuze ku ngingo Reta iherutse gufata iraba ivyo gukukuruka
💬 Kubwa Vianney Ndayisaba, umuhuzabikorwa ku rwego rw'igihugu w'iryo shirahamwe, ngo iyo ngingo bayakiriye neza kuko igiye gutuma haboneka ibibanza bigera ku bihumbi 4 vy'abazosubirira abo bakukurutse. Ivyo bikazotuma urwaruka ruharonkera akazi n'ubushomeri bukagabanuka
⬅️ Agahamagarira abavyeyi bafashwe n'iyo ngingo kuyakira no kuyitahura maze bakabisa abakiri bato nabo bateze imbere igihugu "narirya arinabo bagifise amaraso ashushe"
🔄 Ariko rero ngo nubwo bashima iyo ngingo, basaba ko ibijanye n'isubirizwa ry'abo bakukuruke ryobera ku mugaragaro ivyo kwisunga ibiturire, imigambwe, intara canke ka mwana wa mama bihagarare maze hakisungwa igihe umuntu amaze mu bushomeri. Eka ngo kubera vyanagaragaye ko ibibazo bikoreshwa vyoguhabwa akazi kenshi vyibwa, muri basaba kw'ivyo bibazo vyokurwaho kuko ngo diplômes zitangwa na Reta ziba zizewe ko umuntu aba ashoboye maze hagashirwaho umugwi wo twarirwa mu biro vy'Umukuru w'igihugu canke ku mukushikiraganji wa 1 wosuzuma ivy'iryo subiriza
👀 Ivyo vyiyumviro muvyakiriye gute ?
📶 Abakoresha umuhora wa "Lumitel Burundi" mu kwandika ubutumwa bugufi baridoga ko bamaze imisi hafi 5 bidakunda ko basaba umutekero wo kwandika ubwo butumwa bababwira ko ubuhinga buriko burasubirwamwo!
🦱 Ni umutekero wo kwandika ubutumwa bugufi wahora ukoreshwa n'abakunda kuganira baciye ku butumwa bugufi bakawusaba baciye kugiharuro ca *140 #
📅 Abo bakoresha uwo muhora bavuga ko bamaze imisi 5 kuva ku musi wa 4 w'indwi twaraye turangije (06/07/2023) bidakunda ko bashiramwo uwo mutekero kuko baca bababwira ko ubwo buhinga buriko burasubirwamwo
👥 Bamwe mu bakoresha uwo muhora twaganiriye bavuga ko ubu baciye kuri ico giharuro kugira ngo bashiremwo uwo mutekero w'ubutumwa bugufi SMS babishura ko ubwo buhinga buriko burasubirwamwo, bahamagaye abakozi b'iryo shirahamwe ryo gutumatumanako nabone bababwira uko nyene ariko ntibatomora igihe iryo subirwamwo ry'ubwo buhinga rizorangirira. Ivyo rero bigaca bituma batoroherwa uko bahora baganira kuko baca bakoresha amafaranga 20 ku butumwa bumwe mu gihe ku mahera 100 bahora baronka ubutumwa 10 kuko bwaheruka kuduzwa ubwambere baronka 20
🙏🏾Abo bakoresha uwo muhora cane cane abakoresha ubutumwa bugufi barasaba ko ubwo buhinga bwotunganywa ningoga kugira ngo borohererwe ingene batumatumanako ndetse n'amafaranga bakoresha agabanuke
👀 Nawe ubwo butumwa wahora ubukoresha? Ubu ubigenza?
🎒 : abanyeshure 372 nibo bari bitezwe gukora ikibazo ca Reta mu kibanza
---------------------
✅ Ico kibanza kiri ku murwa mukuru w’intara ya Makamba abo banyeshure batonze kandi bakoze ikibazo bose ata n'umwe asivye
👉🏾 Muri abo banyeshure bakoze ikibazo ca Reta abashika 7 ni abaje gusubiramwo bari barananiwe mu myaka iheze
🙌🏾 Ikibazo catanguye gukorwa isaha z’ibiri z'igitondo uwuhagarikiye ico kibanza yatumenyesheje ko ata kidasanzwe cibonekeje, kuko bari baraye batanze inomero bongera barereka abanyeshure ibibanza bazokwicaramwo
👥📚 Mu gisagara ca , haraho ikibazo ca catanguye giteba kuko hari ibitari bwatungane
🔰 Aho twaciye kuri Ecole Michel Archange, ntivyabakundiye ko batangura igihe c'isaha zibiri z'agatondo (8h). Nk'uko Nibaruta Sylvère ahagarikiye ico kibanza kiriko kirakoreramwo amashure agera kuri 6 yabitumenyesheje, ngo ikibazo catanguye igihe c'isaha zitatu (9h). Ngo ivyo rero vyavuye kuri bamwe mu banyeshure batamenye neza ikibanza bakoreramwo, maze bisabwa ko bahabaronderera. Ngo hari kandi abatari bwamenye ama numéro yabo bisabwa ko bayabamenyesha. Hagati yaho, hari n'abanyeshure baje gukora ikibazo batimosheje, bisabwa ko babanza kwimosha
✍🏾 Co kimwe no ko Lycée Municipal Rohero, naho nyene hari abanyeshure batonze batimosheje, bisabwa ko babaca ibimwerere, nayo ikibazo kikaba cagiye gutangura igihe c'isaha zitatu zirengakako iminota 10 (9h10)
📌 Mu banyeshure 384 bari bitezwe gukorera ico kibazo kuri iryo shure hamwe na 20 bagisubiyemwo, umwe wenyene niwe atashoboye kugikora kubera arwaye. Nayo kw'ishure Michel Archange, mu banyeshure 360 bari bitezwe, na 21 bagisubiyemwo, abagera kuri 2 nibo bataje kugikora
📝 Kw'ishure ry'akarorero ryo mu , ikibazo catanguye igihe c'isaha zibiri n'igice (8h30), hakaba hakoreye amashure agera kuri 4, mu gihe hari hitezwe gukorera abanyeshure bagera ku 294, na 11 bagisubiyemwo, abagera kuri 3 nibo batatonze kugikora
👀 Aho iwanyu ico kibazo cagenze gute?
🔴⚽ Muderi Akbar yahora muri agiye kubandaniriza mu mugwi wa mu
-------------------------------------
🔷 Uwo mukinyi akina ku ruhande rwo hagati kandi afasha gusatira bivurwa ko agiye kuva mu mugwi wa Messager Ngozi akaba agiye kubandaniriza mu mugwi wahejeje ari uwa 8 mw'ihiganwa rikuru ryo mu Rwanda riheruka kurangira, ayo n'amwe mu makuru ava mu gihugu c'Urwanda
✍🏾 Mu mugwi wa Messager Ngozi yarawufatiye runini kuko yagira 2 mu bakinyi bafise ibitsindo vyinshi (ibitsindo 8) akaba yaranatanze imipira 3 myiza ivamwo ibitsindo
👏🏽 Uwo mukinyi w'imyaka 20 (akinira n'Intamba mu Rugamba) azoba abaye uwugira 5 avuye muri uyo mugwi inyuma ya Alexis Hakizimana, Moussa Ntahobiri, Hakizimana Adolph na Arthur Nibikora bamaze kuva muri uyo mugwi wa Messager Ngozi
👀 Abo bakinyi bose bariko barimuka bava muri Messager Ngozi, mubibona gute ?
🍆 : umukenyezi yahotoye igitsina c'umugabo wiwe none umugabo araremvye
---------------------------------
👫🏾 Uwo mugabo afise imyaka 39 akaba avyaranye abana 4 n'umukenyezi wiwe bubakanye biciye mu mategeko . Uwo mugabo arwariye mu bitaro vyo m Kayanza kuva ku wa 6 Mukakaro 2023 mw'ijoro
🤕 Uwo muvyeyi aho agaramye mu bitaro amaserumu ku maboko yose amaraso aguma ava mu gitsina, avuga ko kuri uyu wa 06/07/2023 umukenyezi wiwe yatashe bwije haca haduka imishwano, umugore acakira igitsina c'umugabo wiwe arahotora. Uwo mugabo akaba yahavuye ajanwa ku bitaro yataye ubwenge
🏃🏾♀️ Uwo mukenyezi akaba yafashe inzira ija iwabo bikaba vyagorana kumutora. Umukuru w'umutumba wa zone komine Kayanza avuga ko muri urwo rugo hama amatati, kandi ko n'umukenyezi yoba yarakomeretse
✍🏾 Gushika mu mpera z'ukwezi kwa 5 umwaka 2023, amabi y'ubwoko butandukanye aba mu kibano agera 1.136, nk'uko bimenyeshwa n'abajejwe intwaro batandukanye muntara ya kayanza
✍🏾 Ku banyeshure 749 bari bitezwe mu kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja muri kaminuza mu kibanza co kw'ishure ry'ubuvu*i ry'i , 565 harimwo umwe atari yisanze ku rutonde ni bo bitavye
💬 Abarongoye ico kibanza bavuga ko ico gitigiri c'abitezwe cadugijwe ahanini n'abo basanze ku ntonde barayobewe mw'ishure bakaba batiriwe baraza gukora
📍 Ku bibanza bitandukanye ku mugwa mukuru w'intara ya Gitega ibibazo vyambere vyakozwe kuri uyu wa 11/07/2023 vyagenze neza muri rusangi nk'uko twabimenyeshejwe n'abahagarariye ico kibazo
⌚ Aheshi igihe c'isaha zitandatu abanyeshure bari barangije gukora
🔴 🙆🏿♀️ : amafaranga yababa imiriyoni 8 Fbu niyo yaraye yibwe kuri Alimentation Escale du Bien hakoreshejwe inkoho yo mu bwoko bwa pistolet
----------------------
📅 Hari kuri uyu wa 10 Mukakaro 2023 muri zone ya yo muri komine muri Meri ya Bujumbura neza na neza kw'ibarabara Chaussé du Prince Louis Rwagasore muri Alimentation Escale du Bien iri aho bita kuri Fidodido aho haraye hibwe amafaranga arenga imiriyoni 8 Fbu hamwe n'amaterefone bene kuyiba ngo bafatiye inkoho ku mutwe umukenyezi yagomba ayajane kuri Banque
🎙️ Nk'uko twavyiganiwe n'abasanzwe bakorera impande y'iyo Alimentation bikongera bikemezwa n'abo twasanze bariko baracuruza muri iyo alimentation nyene kuri uyu wa 11 Mukakaro 2023, ngo hari nk'igihe c'isaha zitatu z'umurango (11h) aho haza imodoka ifise ibiyo bitabona ihagarara kw'irembo ry'iyo alimentation haca havamwo umuntu umwe yasa n'uwugiye kugura ikintu, niho yinjira asanga umukenyezi yakorera muri iyo alimentation ahejeje kwegeranya amafaranga bari bamaze iminsi badandaza agomba ayajane kuri Banque niko kumwaka ka gasakoshi wa mukenyezi avuza akaruru, umukozi w'umugabo yahakorera aca asimbira kuri wamuntu baranigurana
🔫 Nk'uko babandanije babitwiganira ngo bamaze kunigurana wamusuma vyaranse ingene yikura wa mukozi, ariko bagenzi biwe bari basigaye muri wamuduga baciye baza bafise inkoho yo mu bwoko bwa pistolet bafatira ku mutwe wa mugabo na wa mukenyezi bakorera muri iyo alimentation babategeka kuryama hasi baca bamera nk'abahahamutse baca basimbira muri wa muduga bariruka
👮♂️Abajejwe intwaro n'umutekano bo muri zone ya Rohero barashoboye kuhashika inyuma y'ubwo busuma kugira ngo batangure amatohoza, ariko yaba abo basanzwe bakorera hafi y'iyo alimentation canke abariko bararengana ngo ntawashoboye kumenya ivyariko biraba ngo bose babimenye aruko vyabisuma vyamaze kwiruka ndetse n'iyo modoka ntawashoboye no kumenya imparati zayo
📚 : Ikibazo giha uburenganzira abanyeshure kubandanya kaminuza catanguye neza
-----------------------------------------------------
🏫 Abanyeshure bari bitezwe ni 1.761 kandi gushika ubu nta ngorane n'imwe iraboneka mw'ikorwa ry'ico kibazo. Ku bibanza 5 vyacaguwe:
🔸 Lycée LTAA yo ku *inda bakora abanyeshure 253
🔸 Lycée Bubanza bakiriye 442
🔸 Lycée notre dame de la paix , 494
🔸 Lycée bukinga, 228
🔸 ETB, 344
🧑🏾🦯 Mu banyeshure bariko barakora ico kibazo, harimwo n'uwutabona yarungitswe n'a Lycée y'i , akaba riko akorera ikibazo canditswe mu rurimi rw'abatabona (braille), kuri Lycée Notre Dame de la Paix
🔴🔵 "Abanyeshure batoye ikibazo ca Reta c’umwaka wa 2022 hamwe n’abazotora ikibazo c’uwu mwaka wa 2023 bose bazzokwinjirira rimwe mu ma kaminuza ya Reta (Kaminuza y’uburundi, ishure nderabigisha ENS, hamwe n’ishure ryigisha ibijanye no kuvura (INSP) guhera mu mwaka wa kaminuza uza"
🎙️ Ivyo bikaba bihejeje gushikirizwa n'umushikiranganji w'indero François Havyarimana kuri uyu wa 11 Mukakaro 2023 mu gihe yariko aratanguza icese ibikorwa vya kuri Lycée hamwe no kuri Lycée Etoile des Montagnes de mu ntara ya
✍🏾 Abanyeshure barenga 50.950 nibo bitezwe gukora ico kibazo uyu mwaka mu bigo bigera kuri 106
✍🏾 Ikibazo giha uburenganzira abanyeshure kubandanya inyigisho za kaminuza catanguye neza mu ntara za na kuri uyu wa 11 Mukakaro 2023
--------------------------
📍 Mu ntara ya Kayanza abanyeshure 3.246 nibo bakorera ico kibazo mu mashure 5 nkuko bishikirizwa na Désiré Hatungimana ayoboye indero muri iyo ntara
📍 Mu ntara ya Ngozi hakaza gukora abanyeshure 2.711 bahuriye ku mashure (Centres) 4 bahagarikiwe n'abarezi 57 nkuko Jean Pierre Ndikuryayo ayoboye indero mu ntara ya Ngozi abishikiriza
🔸 Abo bayobozi b'indero mu ntara za Kayanza na Ngozi bavugako atangorane iribonekeza kuko ibibazo vyashikanywe aho bikorerwa kandi abafise ico bakora bose bariteguye gutunganya ico kibazo
👀 Aho muherereye ico kibazo kiriko kigenda gute?
🤦🏾♂️ Noneho ngo babankiye gufata amafoto ku bugeni bwiwe
🤷🏾♂️ Umugabo ati: "Ni bene wanyu babikoze", umugore nawe ati: "Abiwanyu ntibankunda ndabizi"
👀 Biraherera hehe ?
😏 Mwohanura iki abubakanye batanako umwikomo bivanye n'aho bamuka ?
🎬 Kurikirana kano gakino igice ca 21
✅ 9.982 directement formés, 2.011 projets déjà financés, 2.216 emplois créés dont 183 au sein du Paeej-Burundi, et 2.000 stages accordés
En 2020, le Burundi relève un sérieux problème: le taux de chômage élevé chez les jeunes. Le nombre de chômeurs est trois fois supérieur à celui des fonctionnaires. Inquiet, l’État met en place en 2021
🇫🇷⚽ Inyuma y'amezi arenga gato 3 ataboneka mu mugwi wa , Ndayishimiye Youssouf yasubiye mu myimenyerezo mu gihugu c'Ubufaransa
----------------------
📆 Itariki ya nyuma Ndayishimiye Youssouf yabonetse mu kibuga ariko arakina urukino nyezina hari ku wa 23 Ndamukiza 2023, igihe umugwi akinamwo wanganya na (2-2) aho yari yakinye iminota 66 imbere y'uko ababara mw'ivi
👉🏽 Kuva ico gihe, ntiyari bwagaragare mu myimenyerezo canke mu rukino na rumwe rwa Nice (yasivye inkino zigera kuri 6 za Nice)
✍🏾 Urundi rukino yasivye ni urwahuje Uburundi na rwakinywe kuwa 20 Ruheshi 2023 mu gihe imbere yuwo munsi kuwa 19 Ruheshi 2023 yari yagaragaye mu myimenyerezo ya nyuma y'umugwi nserukiragihugu ariko bikarangira adakinye
💫 Muri Nice yarahafise ikibanza gihambaye kuva ahash*tse muri Nzero 2023 aho yahakinye inkino zigera kuri 14. Muri izo zose yatanguye mu kibuga incuro 10, incuro 4 akina nk'uwusubirira abandi, ahatsinda igitsindo 1 kandi asanzwe akinishwa inyuma canke hagati afasha ku*ibira
🧐 Muri uno mwaka w'inkino mushasha, ubona azokina inkino zingahe ?
💸 🐑 Kuva bororera mu mpongore, igiciro c'intama kiguma kiduga
-----------------------
🥩 Abayangayanga bavuga ko kuyanga inyama bisaba uburyo kuko ku*ironka ubu bigorana bikaba vyatumye igiciro cazo kuduga cane. Intama ikuze yahora igurwa amafaranga 120.000 Fbu, ubu igurwa 200.000 Fbu
🎙️ Umwe muri bo ati: "Biratugora ku*ironka kuko si benshi bazorora kuva zigaburirirwa mu mpongore. Ni nke kandi ubu ziravyibuha cane bituma abazorora bihagararako"
🐏Kubera mu ntara ya hashushe aborora intama si benshi, izihashoka nyinshi zikaba ziva mu ntara ya canke komine yo muri Bubanza nyene
👀 Aho iwanyu zigurishwa gute?
Bujumbura
0000
Be the first to know and let us send you an email when Podika posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.
Send a message to Podika:
🙈 #Kumbe ngo abapfasoni nibo bamana ingorane bigatuma umugabo ahitamwo kugira akazi kenshi hako ataha kwumviriza ibibazo biri muhira? 🤔 Diogène uramushigikiye? Ikiganiro cose https://www.youtube.com/watch?v=fT9Jf6tfrto #Burundi #Twivumbagaze #podcast #fyp #relationships #work #tuesdayvibes
Twarababajije nimba abo mukorana bashobora guhungabanya urugo rwawe. Bamwe bati ego, abandi bati ekaa niwe uba wabirondeye Kesho, we drop the second episode of #Kumbe Uraguma hafi, cane cane kuri Youtube 😘 😂 Tuve kuba ex tuje kuba chuchu mu créa kukazi 🤣 Yeah, ntakaruhuko 😎 #Burundi #lifestyle #youth #work #colleagues #viral #reels #love #relationships #fyp #pourtoi #couplegoals #blacklove #podcast
😂 Tuvuge aba ex 😏 Kuguma uvugana n'umu ex kweli bisigura iki? 🤨 Muga kandi, none muvanye muca mwankana? Get ready rero tuje #twivumbagaza neza na neza 05/11/2023, first episode ya "Kumbe" 🥳🥳🥳🥳🥳🥳🥳 Ba uraturindirira hano https://youtube.com/@PodikaPlace?si=DzEouKDP-dRTdQwx #Burundi #relationshipstruggles #love #youth #communication #fypシ゚ #Africa #Podika #Burundi
Yeaaahn, we about to drop something 🤩😋🥰 Stay connectés vraimeeent 😋 #Burundi #youth #innovation #podcast #society #burundionthemap #bestof257 #Africa #content #creators #fyp
🙈 Turasubiriye kubabaza, muriteguye kweli? Bigira bishuheeeee, ba murabwira abagenzi💥💥💥 #Burundi #Podika #Kumbe #Twivumbagaze #podcasting #Africa #youth #creativity #mondayvibes
🤦🏾♂️ Noneho ngo babankiye gufata amafoto ku bugeni bwiwe 🤷🏾♂️ Umugabo ati: "Ni bene wanyu babikoze", umugore nawe ati: "Abiwanyu ntibankunda ndabizi" 👀 Biraherera hehe ? 😏 Mwohanura iki abubakanye batanako umwikomo bivanye n'aho bamuka ? 🎬 Kurikirana kano gakino #ComboTaxi igice ca 21 #Uburundi #Urwaruka #Jimbere
🇧🇮 Woba waruzi ko papa w'umuririmvyi Shemi avuka mu #Burundi muri karitiye #Buyenzi ? 🎼 Uwo muririmvyi amaze gusohora indirimbo "Peace of Mind" mwakunze mutari bake, niwe twasohokanye iyi week-end ▶️ Kaze tumutege yompi yatubwiye vyinshi ku buzima bwiwe #Uburundi #Urwaruka #Umuziki #Jimbere
🇧🇮 Woba waruzi ko papa w'umuririmvyi Shemi avuka mu #Burundi muri karitiye #Buyenzi ? 🎼 Uwo muririmvyi amaze gusohora indirimbo "Peace of Mind" mwakunze mutari bake, niwe twasohokanye iyi week-end ▶️ Kaze tumutege yompi yatubwiye vyinshi ku buzima bwiwe 👉🏾 https://youtu.be/Jf50ORQoa6s #Uburundi #Urwaruka #Umuziki #Jimbere
🇧🇮 Venu au #Burundi pour célébrer le 1er anniversaire de la Thilo Kehrer Foundation basée à #Gitega (le 24 juin 2023), Thilo Kehrer nous a raconté les perspectives d'avenir de la fondation, son adaptation en #PremierLeague avec #WestHam, ses séléctions avec la #Manshaft ainsi que ses hobbies... ▶️ A découvrir dans cette vidéo #Sport #Jimbere
🤷🏾♂️ Ba sokuru barayamaze bati: "Intimenya ni yo ntinegura" kandi ngo burya "hakwishima woshimwa n'abandi" 👀 Ni ikihe cigwa twokura muri iyi migani ? ▶️ Kurikirana agakino #ComboTaxi igice ca 20 #Uburundi #Urwaruka #Jimbere
🎼 Mbega waruzi agakuru kari inyuma y’indirimbo Lala ya Kirikou? 🤔 😎 Kirikou ati: "Bruce Melodie niwe yambwiye ko nshoboye kuririmba RnB" ▶️ Kaze mu kiganiro cambere ca #TakeMeBack #Uburundi #Jimbere
🎼 Mbega waruzi agakuru kari inyuma y’indirimbo Lala ya Kirikou? 🤔 😎 Kirikou ati: "Bruce Melodie niwe yambwiye ko nshoboye kuririmba RnB" ▶️ Kaze mu kiganiro cambere ca #TakeMeBack: https://youtu.be/j7PF-IpJFXE #Uburundi #Jimbere
🔥 Kirikou A Kili muri #TakeMeBack ⏳ Tomorrow... (17h) #Uburundi #Umuziki #Jimbere
🥳🎞️ Mu gihe kuri uyu wa 24 Ruheshi 2023 ari ho haba ibirori vyo gutora #MissBurundi2023, reka tugaruke kuri bimwe bimwe vyaranze uwo munsi 👸🏽 Kandi tubibutse ko Lellie Carelle Ndayizeye ari we yatahukanye urugori rw'umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge mu #Burundi #youth #competition #Jimbere
🤦🏾♂️ Kuba ari umunyamahanga nico conyene yamuhora 🤷🏾♂️ Uwo yise umunyamahanga niwe vyarangiye aje kumufasha abandi bose bamurenganye, abona kumaramara. None urwanko ku banyamahanga abantu bamwe bamwe bagira hari ifatiro rufise ? 👀 Basomyi kurikirana kano gakino #ComboTaxi igice ca 19 mugire namwe ico muvuze... #Uburundi #Jimbere
💡 "Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze" 🔸 Bamwe bati; "Iyo umukenyezi aja mu mashirahamwe arashwashwanuka...." 🤷🏾♂️ Abandi ngo: "Umugore muzima ugasanga yibereye mu rugo ntatembera ngo amenye ivyo abandi bumviriza kubera umugabo aba yaramubujije" ❓ Bakunzi ba Magazine Jimbere , ni gute umunega yokorohereza umukenyezi gusohoka ngo amenye iyo bweze, gutyo bikamufasha gushwashwanuka no gutera imbere ? #Uburundi #Inkingi #Jimbere
🏫 Perezida Evariste Ndayishimiye ati: "Irya baptême yari iryoshe. Ubatijwe muri kaminuza, baba bagukuyemwo agakoko. Kugira ngo ube umuntu babanza kugukuramwo ivyiyumviro vy'ubwana... Bavuze ngo umu "Poil" ntiyiruka naho imvura yogwa, hariho ababitahura nabi. Ntibaba bavuze ngo ntiyugama. Ni ukuvuga ko ari umuntu atagihugumbwa, atakijana n'abaja... " 🎙️ Ayo majambo Umukuru w'igihugu yayashiikirije ku munsi ugira kabiri w'amasengesho yo gushimbaza imyaka itatu iheze atwara igihugu, aho mu nyigisho yahaye urwaruka, yariko arucira agace ku kungene yasanze vyinshi yaciyemwo kuva mu buto bwiwe ari ivyariko biramutegurira umutima urinda, wo kuba "Président" nubwo ico gihe atari abizi 🔙 Muri ico kiganiro, Evariste Ndayishimiye yaribajije igituma "baptème" yo muri Kaminuza y'Uburundi bayikuye ariko aza kugaruka aribuka ubwiwe nyene ko "haje abantu babi bica, bakababaza aho kubatiza nkukwo bisanzwe." 📌 Dufatiye kuri ayo majambo y'Umukuru w'igihugu, nta nkeka ko hari n'abandi babonye baptême yo muri Rumuri kandi bagishashaye ko yosubizwaho. Musomyi wa #Jimbere, mbega mu gihe vyotunganywa neza, hakajaho ivya nkenerwa vyose bituma ata bubisha bwo kubangamira ubuzima bw'umuntu bujamwo, woshima ko iyo baptême isubizwa itoto canke ni babe barabangiriye kandi ? 📹 Ireresi tuyikesha Mashariki TV #Uburundi #Indero
🎼 Dudu T. Niyukuri umwanditsi w'indirimbo zitandukanye yatubwiye ibibazo yahuye navyo muri carrière yiwe 🔙 Eka yagarutse no ku kuntu vyagenze ngo ahinduke 📹🎬: Akadirisha Prod #Uburundi #Umuziki #Jimbere
🎼 Dudu T. Niyukuri umwanditsi w'indirimbo zitandukanye yatubwiye ibibazo yahuye navyo muri carrière yiwe 🔙 Eka yagarutse no ku kuntu vyagenze ngo ahinduke. Tumukurikirane 👉 https://youtu.be/CjhLFaOM2KQ 📹🎬: Akadirisha Prod #Uburundi #Umuziki #Jimbere
⚽ Umukinyi Thilo Kehrer yagarutse mu #Burundi ----------------------- 🛬 Indege imuzana yashikiriye urubuga rw'indege Melchior Ndadaye mw'ijoro ryo kuri uyu wa 21 Ruheshi 2023 🎂 Azomara iminsi 5 mu Burundi, akaba azanywe n'ibirori vyo guhimbaza isabukuru ya mbere y'ikigo ciwe, Centre Thilo Kehrer, giherereye i #Gitega #Uburundi #Jimbere
👑 Muri ba bigeme 11, umwe wenyene ni we azotahukana urugori rwa #MissBurundi2023 ------------------ 🥳 Ibirori vyo gutora umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge azoserukira #Uburundi bizoba kuri uyu wa 24 Ruheshi 2023, kuri Donatus Conference Center iherereye kuri Avenue du Large mu gisagara ca #Bujumbura 🎟️ Murakeneye kuraba no kwumviriza bano bigeme ikibiriraho ? Gura itike ku biro bikuru vy'ishirahamwe Miss Burundi ritunganya iryo higanwa biri kuri Roca Golf Hotel i Bujumbura. Witwaza 200.000 Fbu ku muntu 😏 Basomyi, n'iyahe ntara muha amahirwe yo kuzotahukana urugori ? #Abigeme #Urwaruka #Jimbere
📷🤩 Retour sur les belles prises de photos lors de la descente sur terrain du 31/05 au 01/06/2023 dans les provinces de #Muramvya et #Ruyigi par l'équipe onusienne, composée de l'UNICEF Burundi , le Programme Alimentaire Mondial (#PAM) et ONU Femmes en compagnie de l'Ambassadeur de France au #Burundi, pour évaluer les résultats des projets financés par la #France visant à lutter contre la malnutrition infantile et à soutenir l'autonomisation de la #femme #Jimbere
😇 Hari ibihe vyinshi vyiza twaciyemwo kera twipfuza gusubiraamwo 😊 🔥 Kaboss4Real ngo agomba atugarukane mu dukuru, uturirimbo twa kera muri #TakeMeBack 🤷🏾♂️ N’igiki wokwipfuza gusubiramwo ? #Uburundi #Urwaruka #SummerVibes #Jimbere
🤔 Kubana no kubanirana neza n'abandi ni kugendera ku nkomoko z'abantu ? Habe namba ! 🤷🏾♂️ Kuko "Yamara turi magiriranire" 🎬: Kurikirana kano gakino #ComboTaxi igice ca 15 #Uburundi #Urwaruka #Jimbere
🟣 Umuganga wo kw'ivuriro ryo ku mutumba #Rongero mu ntara ya #Rutana arasigura neza akamaro k'umugambi wa UNICEF Burundi na World Vision Burundi "agasahani n'akayiko" n'imfugurwa ziba zikagize. Ivyo navyo bakabisigurira abenegihugu kugira bashobore kumenya ingaburo zikwiye guhabwa abana babo 👥 Abenegihigu nabo biribonekeza ko bitaba ako kamo kuko bamwe muribo barashoboye kutubwira ubwoko bw'ingaburo bazi n'ingene bavyitwararika 👍🏾 Kurikira kano ka vidéo wiyumvire ubwo bwoko bw'imfungurwa bushobora kugirira akamaro ibibondo #Uburundi #AgatekakAbana #Jimbere
❓ "Ahari abagabo ngo ntihagwa ibara. Mbe ahari abakenyezi ho bigenda gute?" 📞 Gaudence Ngendakuriyo icegera c'umukuru w'urwego rw'abashingantahe mu #Burundi ati: "Impinga iracari ndende kugira abagabo batahure ko umukenyezi ashobora kugira ikibanza kimwe nkic'umugabo ndetse agashikiriza ijambo ritomoye rishobora risumba n'iryashikirijwe n'umushingatahe" ▶️ Ido n'ido ni mu kiganiro #Inkingi gica kuri Kazoza FM 👉🏽 https://www.facebook.com/KazozaFM/videos/199952689641643/?mibextid=cNJkHpkITEaJgwiO #Uburundi #Jimbere
⚖️ Urubanza rushashe aho hambere hahise, kenshi rwajamwo abagabo gusa, ariko ntivyabuza ko hari urubanza rwo gutatura amatati rugumye baruraza kugira ngo bahanuze abakenyezi babo 🤷🏾♂️ Ngo nta mugabo wo guhanuza umufasha wiwe? Ubivugako iki? 📻 Ni mu kiganiro #Inkingi gica ku nsamirizi Kazoza FM https://www.facebook.com/KazozaFM/videos/199952689641643/?mibextid=cNJkHpkITEaJgwiO #Uburundi #Jimbere
🍽️ Abenegihugu bo mu ntara ya #Rutana ku mitumba #Rongero na #Kinzanza bariko barashira mu ngiro umugambi w'akayiko n'agasahani babifashijwemwo n'amashirahamwe mpuzamakungu UNICEF Burundi na World Vision Burundi 👏🏾 Uwo mugambi waratumye hari ingwara zakarira ibibondo zigabanuka ▶️ Kurikirane kino kiganiro aho abaganga bo kw'ivuriro rya Kinzanza, "abamama muco" basigura akamaro k'uyo mugambi #Uburundi #AgatekakAbana #Jimbere
🔵 Rétrospective de la descente sur terrain dans les provinces de #Muramvya et #Ruyigi de l'équipe Onusienne composée de l'UNICEF Burundi, du Programme Alimentaire Mondial (#PAM) et de #UNWomenBurundi en compagnie de l'Ambassadeur de #France au #Burundi Jérémie Blin, afin d'évaluer les résultats des projets financés par la #France visant à lutter contre la malnutrition infantile et à soutenir l'autonomisation des #femmes #WomenEmpowerment