Buja-times

Buja-times Tomorrow is Now

 # Uko Abanya-Romaniya Babacancuro Bagambaniye Congo Kubera Amafaranga.  Mu gihe ca vuba, haragaragaye ukugambana gukome...
01/02/2025

# Uko Abanya-Romaniya Babacancuro Bagambaniye Congo Kubera Amafaranga.

Mu gihe ca vuba, haragaragaye ukugambana gukomeye kw’abacancuro b’Abanya-Romaniya bari bashinzwe kurinda umutekano wa Goma, mu buraruko bwa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo (RDC). Abo bacancuro, bari baragiriwe icizere n’igisirikare ca Congo (FARDC), bahisemwo kugurishwa kubera amafaranga menshi bemerewe na Leta y’Urwanda kugira ngo bemerere kwigarurira Goma, maze bise naho "batsinzwe."

# # # Ugutakaza icizere ku bacancuro
Imbere y’uko itera Goma, hateguwe umugambi w’ukwumvikana n’abo bacancuro b’Abanya-Romaniya bari bacunze umutekano w’ico gisagara. Ico cemezo cafashwe kugira ngo bibuze igisirikare c'Urwanda kugira igihombo gikomeye mu ntambara. Birazwi ko imipango myinshi y’ingene FARDC yarwana yapangwa n’abo bacancuro.
Abo bacancuro babanje gusaba ko amafaranga bemerewe yoshirwa ku ma konti yabo imbere y’uko imirwano itangura. Leta y’Urwanda ntiyatevye, yaciye ibaha ayo mafaranga yose. Bamaze kwishyurwa, baca baha Urwanda amabanga yose y’ubwirinzi bwa FARDC hamwe n’ingene igisirikare ca Congo gitegekanya kwikingira, ibintu vyaciye bigira ingaruka mbi cane ku mirwano.

# # # Ugushira ahabona ubugambanyi
Isaha y’intambara igeze, abo bacancuro ntibigeze bagira ico bakoze. Baciye bamanika idarapo ryera, basubira mu mahoteli kwiryamira, bisigura ko beguye ku mirwano. FARDC imaze gutsindwa, baciye bambuka imipaka basubira iwabo muri Romaniya, bamaze kwinjiza agatubutse batagwanye.

Ibi vyerekanye ko RDC ifise vyinshi vyo kwigira ku bijanye n’ukugirira icizere abanyamahanga mu bibazo vy’umutekano w’igihugu.

  Conflict. General Muhoozi Kainerugaba yavuze ko Uganda igomba itangure kurindira imipaka yayo imbere muri Congo, kugir...
31/01/2025

Conflict. General Muhoozi Kainerugaba yavuze ko Uganda igomba itangure kurindira imipaka yayo imbere muri Congo, kugira ngo ikingire abagande baba muri Congo.

  Nimba Afrika yepfo ikeneye ko tugwana turiteguye.  Kagame, President w'urwanda.
30/01/2025

Nimba Afrika yepfo ikeneye ko tugwana turiteguye. Kagame, President w'urwanda.

🔴🇨🇩   BIRIHUTA | Ukutumvikana kw’ubuyobozi hagati ya  /  ifashwa na  ?Jenerali w’ingabo, Sultani Makenga wa M23 ari haga...
28/01/2025

🔴🇨🇩 BIRIHUTA | Ukutumvikana kw’ubuyobozi hagati ya / ifashwa na ?

Jenerali w’ingabo, Sultani Makenga wa M23 ari hagati y’ubuzima n’urupfu, yakomeretse cane maze aca ajanwa kubitaro vya gisirikare vyo mu (ibitaro vya gisirikare vy'I Kanombe) inyuma y’amasasu yarashwe n’abarwanyi ba (); ico gitero cabaye inyuma y’uko intagondwa zifashwa na zisubiriye gufata ikibuga c'indege ca
Sultani Makenga niwe yari jenerali mukuru wa M23.

      Uganda Airlines yahagaritse ingendo zose zija Kinshasa, inyuma yaho ambassade yabo ituriwe nimikangara yariye karu...
28/01/2025

Uganda Airlines yahagaritse ingendo zose zija Kinshasa, inyuma yaho ambassade yabo ituriwe nimikangara yariye karungu i kinshasa.

28/01/2025

_ /M23 _ : Twarungitse abasirikare bacu muri Congo kubumbatira amahoro ntabwo twabarungitse mu ntambara, Niyo twabarungika mu ntambara muzobona ibizoba, Nibatwataka kandi turagenda i pretoria mu maseconda 20.
Fikile Mbalula, Umukuru w'ishyaka riri ku butegetsi muri Afrika yepfo, ANC .

Yariko yishura abanyamakuru bamubajije icatumye abasirikare 13 bapfira mu mirwano i bahanganye na M23.

Perezida wa Afrika yepfo Cyril Ramaphosa yavuganye na Kagame ejo kuri Téléphone bumvikana agahenge, Inyuma yaho Abanya africa yepfo hamwe na opposition yaho basavye kuja mu ntambara n'Urwanda vyeruye.

27/01/2025

Amasasu ni menshi mu Rwanda, Abanyarwanda bumiwe.

🔴🔴Urgent Muraka kanya abasirikare ba Congo bariko barishikana ku bureau vya monusco bashikiriza n'ibigwanisho ngo m23 it...
27/01/2025

🔴🔴Urgent Muraka kanya abasirikare ba Congo bariko barishikana ku bureau vya monusco bashikiriza n'ibigwanisho ngo m23 itabica, vyamaze kwemezwa ko m23 yafashe umuji

26/01/2025

Flash Umusirikare w'Urwanda yaguye mu kivunge c'abanya Goma baramwivugana n'amabuye

26/01/2025

Intambara igiye kumara imisi 4, Ingabo z'urwanda zishaka gufata umuji wa bikabata kuwamazi, Perezida Paul kagame yafashe ingamba zikomeye zotuma afata umuji wa vyihuse.

Mugatondo kuno musi wa mungu, Yarungitse ingabo hafi zose yarasigaranye, zica noneho kumupaka bihana na mu buryo bweruye atakwinyegeza, Amadrone, inkoho niniya, nibifaru vyose yabisohoye ngo bikunde afate umuji wa usanzwe urimwo , Ingabo za Africa y'epfo, iza Malawi, Fardc ya Congo irikumwe nabanyagihugu biyemeje kugwana bazwi nka bagera hafi ibihumbi 15.

Biraherera he? Ubu tuvugana abanyarwanda bari kumupaka batanguye guhunga, kuko intambara irasa nkaho ishobora kuba ariho igomba ije.

Dukurikirane uno muzalendo arabitwiganira..

  Perezida erdogan wa turukiya yasavye ko yoba umuhuza wa Congo n'Urwanda, Inyuma yaho perezida w'urwanda avuye turukiya...
24/01/2025

Perezida erdogan wa turukiya yasavye ko yoba umuhuza wa Congo n'Urwanda, Inyuma yaho perezida w'urwanda avuye turukiya kuvugana nawe.

🔴Flash   General Chirimwami, Gouverneur militaire wa nord kivu yapfiriye ku rugamba uno musi.Ni mu mirwano karahabutaka ...
23/01/2025

🔴Flash General Chirimwami, Gouverneur militaire wa nord kivu yapfiriye ku rugamba uno musi.

Ni mu mirwano karahabutaka yahuje Fardc n'abambari bayo hamwe na M23 ishigikiwe n'Urwanda,Uganda na Kenya.

General Cirimwami yari yishikiye ku kivuga c'imigwano uno musi mu gatondo nkuko mubibona kwiyo Photo.

  Igisirikare ca FARDC gihejeje kwirukana   muri   mu nkengero za   muraka kanya.Source:Radio okapi ya UN
23/01/2025

Igisirikare ca FARDC gihejeje kwirukana muri mu nkengero za muraka kanya.

Source:Radio okapi ya UN

23/01/2025

Kuva mu gatondo k'uyu munsi 23.01.2024 ihurikiyemwo abanyarwanda, Abagande n'abakenya, Bateye igitero sindamusiga kuri Goma babanje kurondera gufata imisozi yose ikikije Goma ariyo Sake n'ahandi.

Intambara karahabutaka iriko iraba mur'aka kanya aho bariko barafasha Congo ngo M23 n'abayifasha ntibafate Goma.

🔴URGENT  Biravugwa yuko Urwanda ruriko rurategura gutera uburundi mw'isura ya RedTabara baciye muri Bukavu, Amakuru yeme...
23/01/2025

🔴URGENT Biravugwa yuko Urwanda ruriko rurategura gutera uburundi mw'isura ya RedTabara baciye muri Bukavu, Amakuru yemeza yuko y'Urwanda niyamara gufata Bukavu izoca itera U Burundi, Bikitwa ko ari Red Tabara

Ni mugihe igeze ahitwa I muri Sud Kivu aho iriko iregereza gufata Bukavu.

Hari umurundi yatwandikiye agira ati " Abanyarwanda mubabwire banyaruke, Kuva Uburundi bubaho ntamusi buratsindwa urugamba butewe, Uburundi bufise Urwaruka rukunda igihugu, Jewe ndibaza ko igisirikare batwemereye mu ndwi imwe gusa twoba twegeranije nk'abasirikare umuliyoni bashobora kugwanira igihugu, uhereye kuri jewe ndabikwandikiye nabana banje bose twomanuka I Bujumbura kugwana"

Basomyi na nje ndiko ndavyandika sinoguma mu nzu igihugu catewe, hako nokoronizwa n'Urwanda igihugu cofatwa napfuye.
Twebwe ntituri abakongomani, Ni baze kwa Ntare tuzobakira.

  Perezida Paul kagame ageze muri turukiya kurondera ibigwanisho.Igihugu c'Urwanda kiri mu ntambara na Congo isaba ibigw...
22/01/2025

Perezida Paul kagame ageze muri turukiya kurondera ibigwanisho.
Igihugu c'Urwanda kiri mu ntambara na Congo isaba ibigwanisho vyinshi kandi kikaba carashiriweho ibihano kuva 2010 vyo kutagura ibigwanisho kwisoko mpuzamahanga.
Turukiya izwiho kugurisha ibigwanisho vyamagendo mu nzira zikinywabi, niyo nzira yonyene ariko arakoresha.

Ni inyuma yuko abonye ko ashobora kugwana agafata igice kinini ca Congo inyuma yo gufata

  Perezida Paul kagame yavuze ko Felix tshisekedi yivye amatora muri manda zose yatwaye, yarengejeho ko Perezida w'Uburu...
17/01/2025

Perezida Paul kagame yavuze ko Felix tshisekedi yivye amatora muri manda zose yatwaye, yarengejeho ko Perezida w'Uburundi n'na Congo ari ibigoryi (idiots) Avuga ko azi kuraba abantu b'ibigoryi

Ivyo yabivugiye mu nama yagiranye n'abadiplomate I Kigali.

  ❌ Mu gisirikare c'Uburundi barahakana ko ata basoda b'Abarundi 200 baguye muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo...
16/01/2025

❌ Mu gisirikare c'Uburundi barahakana ko ata basoda b'Abarundi 200 baguye muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo
Gaspard Baratuza avugira FDNB agira ati🎤 "Umuhari M23 vyawutaye ku w'amazi. Batanga ibiharuro binini vy'abasoda b'Abarundi bishwe, mu ntumbero y'ukubaca intege."

Ariko kandi, Gaspard Baratuza ntatanga icegeranyo nyakuri. Yagize ati : "Ni ibanga."
👉🏾 Ico bikora ntahakana ko bishika bagapfira ku rugamba. Agira ati : "Iyo bish*tse hakagira umusirikare ahitanwa n'urugamba, turafise uburyo tumenyesha abiwe ivyabaye."
👉🏾 Nayo ku vyerekeye ibiziga vyaciye ku mbugahwaniro biboneka vyambaye umwambaro w'igisirikare c'Uburundi, yishura ati : "Ni amashusho yateranijwe (photoshop), si ay'ukuri."
🪖 Kubwiwe,abasirikare b'Uburundi baguma ku kivi ntibata umwanya baterana amajambo ku mbugahwaniro.

Address


Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Buja-times posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Videos

Shortcuts

  • Address
  • Alerts
  • Videos
  • Claim ownership or report listing
  • Want your business to be the top-listed Media Company?

Share