Up tv Burundi

Up tv Burundi follow UPTVBURUNDI On Facebook, tiktok, YouTube, Instagram.hits music and Hits news.

  🔴 Umwihwezo w'intwazangabo : "Igisirikare c'Uburundi gisigaye gicuritse, abasoda bato barusha amashure ba Jenerali !"I...
19/12/2023

🔴 Umwihwezo w'intwazangabo : "Igisirikare c'Uburundi gisigaye gicuritse, abasoda bato barusha amashure ba Jenerali !"

Inyuma y'uko hari abasoda b'Uburundi barahiye gusubira ku rugamba rwo kugwana na M23 muri Nord-Kivu, hari intwazangabo mu gisirikare c'Uburundi yaturungikiye uyu mwihwezo. We ashimika kwerekana ko hari impinduka ikomeye iriko iraba mu gisirikare naho abakirongoye batabibona, avuga ko igisoda c'Uburundi gifise abasoda batoya bize, bafise amashure kurusha na bamwe mu bajenerali. Avuga ko abasoda nk'abo bisaba kubumvisha neza urugamba bagiyeko. Abasirikare b'incabwenge gutyo barakeneye ko indongozi zabo nazo nyene ziba ziciye ubwenge.

🔴 Ibiherutse kubera muri Congo si ibintu bisanzwe

"Ibiherutse kubera muri Congo ntibisanzwe mu mateka y'igisirikare c'Uburundi. Kubona abasoda batoya babwira Général Muzinga ko badashobora gusubira kuja kugwana na M23, kubona bamubwira icese ko bakeneye kwitahira mu Burundi kandi bakabikora, kubona bahitamwo kuja gupfungwa hako baja ku rugamba, ivyo bigakorwa n'abasirikare amajana, si ikintu gisanzwe.

Birahambaye ko abarongoye igisirikare bicara bakiyumvira umutima uri hamwe impamvu abasoda batoya bigenjeje gutyo imbere ya Général muzima. Abasoda ubegereye barasigura neza ko batumva iyo ntambara barimwo, barasigura neza ko bahemukiwe n'igisoda ca Congo ku buryo badashobora kucizigira ukundi, barasigura neza ko badatahura ingene igisirikare kititwararika imiryango y'abasoda bahitanywe n'iyo ntambara. Ico batubahuka kuvuga ku mugaragaro ni ikibazo c'amafaranga Congo yoba iriha ibikorwa vyabo ariko bo ntibayahabweko. Bino bibazo vyabo birakomeye kandi birakeneye inyishu."

🔴 Abasoda b'incabwenge barasigurirwa, ntibaterwa ubwoba !

"Ico abatwara igisirikare bataratahura nuko abasoda b'ubu batameze nk'abakera. Kera, abasoda batoya (hommes de troupe) wasanga bize gushika mu mwaka wa gatandatu w'amashure y'intango canke ugasanga ntibanahejeje amashure matomato. Ibisongerezi vy'intwazangabo vyaba vyize

   8 irarumanye Lieutenant-Colonel Cyprien Nihorimbere anyurujwe !Cyprien Nihorimbere yari icegera c'umukuru w'igipolisi...
19/12/2023

8 irarumanye Lieutenant-Colonel Cyprien Nihorimbere anyurujwe !

Cyprien Nihorimbere yari icegera c'umukuru w'igipolisi kijejwe imbibe (PAFE), mu ntara ya Ngozi. Yari n'umugwizatunga, afise ihoteri ku murwa w'intara ya Ngozi, amazu, imirima n'amararo. Abamuzi bamuvuga nk'umugabo yakundana, yari afise abagenzi benshi. Mu magume ya 2015, Cyprien Nihorimbere yoba yarafashije abariko barahunga kujabuka imbibe ngo ntibicwe. Ico camubereye icaha kidaharirwa mu butegetsi bwa Prezida Nkurunziza.

Umusi wo kw'igenekerezo rya 17.12.2015, Lieutenant-Colonel Cyprien Nihorimbere yawumaze igice kinini muhira iwe. Ku kagoroba, yahavuye aja guteramira kw'ihoteli yiwe, Laurence Guest House, iri ngaho ku murwa mukuru wa Ngozi. Aho niho amabarabara yose ajana kw'iyo hoteli yaca yugarwa, ashirwako abapolisi bacunga ngo ntihagire uwusubira kwinjira. Itegeko ryatanzwe na Commissaire Abraham Bigirindavyi yatwara igipolisi mu ntara ya Ngozi. Cyprien Nihorimbere ntiyari azi ko ahantu hose vyari vyash*tse akaja ku murango yari yagumye akurikiranwa.

Haciye akanya Cyprien Nihorimbere ari kw'ihoteli yiwe, niho haza imodoka yo mu bwoko bwa camionnette Toyota Hilux yirabura ifise ibiyo bitabona, ica ihagarara hanze inyuma y'imodoka ya Cyprien Nihorimbere. Abayirimwo bari bambaye imyambaro y'igipolisi. Umwe muri bo, arasohoka imodoka, atumbera umunyezamu, yigira uwurondera icumba mw'iyo hoteli, asaba umunyezamu guhamagara sebuja kugira bavugane. Lieutenant-Colonel Cyprien Nihorimbere aritaba, wa mukiriya atera amwegereza hamwo ku modoka, ayishikiriye abayirimwo bamusimbirako, bamuterera muri ya modoka yabo, bamwicarako, bamwambika ikintu mu mutwe baca baragenda. Cyprien Nihorimbere yaragerageje kwigwanira arananirwa. Nii nayo mpamvu bukeye, aho yafatiwe, hatowe amarori n'imfuguzo za Cyprien Nihorimbere be n'inkofero y'umwe mu bapolisi bamunyuruje.

Amakuru dufise yemeza ko abanyuruje Lieutenant-Colonel Cyprien Nihorimbere boba bari barongowe na Brigadier Jonas Ndabirinde

   biherutse : ingoro y'umugambwe CNL ku mutumba Ruringe muri komine Muhuta yaraye ibomowe.Ingoro y'umugambwe CNL ku mut...
19/12/2023

biherutse : ingoro y'umugambwe CNL ku mutumba Ruringe muri komine Muhuta yaraye ibomowe.

Ingoro y'umugambwe CNL ku mutumba Ruringe muri komine Muhuta mu ntara ya Rumonge yaraye ibomowe n'abantu batazwi mw'ijoro ryakeye. Muri CNL bakeka Imbonerakure ko arizo zabomoye ingoro yabo. Bavuga kandi ko ababomoye iyo ngoro baciye kwiba intama z'umukenyezi w'inyankamugayo.

Urugendo rujana ku matora ya 2025 rutera ruba nabi. Umugambwe CNL umaze amezi menshi utarekuriwe gutunganya amanama mu gihugu. Umurwi uzotunganya amatora uherutse gushirwaho, uboneka wiganziwe n'umugambwe CNDD-FDD, bamwe mu bawugize basanzwe baravuzwe mu busuma bw'amatora be n'ugutoteza abatavuga rumwe n'ubutegetsi. Mu gihugu haratanguye kuvugwa amakarashishi y'imbonerakure zituka abatavuga rumwe n'ubutegetsi. None hasubiriye kuvugwa ivyo gusambura ingoro za CNL ...

Prezida Ndayishimiye ati : "igihugu kirabangamiwe n'amadayimoni". Nibaguma bayavuga ntibayagwanye, azotabagaza igihugu. Ubwo nabwo ni .

   Nkuru ya Repuburika y'Uburundi   iraburira abantu bose ku bikorwa bitemewe bimaze imisi vyibonekeza mu turwi two guha...
14/12/2023

Nkuru ya Repuburika y'Uburundi iraburira abantu bose ku bikorwa bitemewe bimaze imisi vyibonekeza mu turwi two guhanahana amafaranga vyitwa "ibirimba" canke "Cirques" hamwe n'ibikorwa mu ruyeri rw'ukudandaza amafaranga vyitirirwa ngo ni ukuduzanya.

  Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yicishijwe isumu,  Prezida Ndayishimiye ari mu bagirizwaInyuma y’imyaka itatu n’ig...
11/12/2023


Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yicishijwe isumu, Prezida Ndayishimiye ari mu bagirizwa

Inyuma y’imyaka itatu n’igice Prezida Nkurunziza yitavye Imana, umwe mubamenyeshamakuru b’abarundi yagarutse kuri urwo rupfu. Uwo mumenyeshamakuru yahawe agashimwe n’imboneshakure CNN mu mwaka wa 2016 kubera ibikorwa vyiwe vyo guharanira ubwingenge bw’ibimenyeshamakuru muri Afrika, yamenyesheje ko afise ivyemezo ko Prezida Nkurunziza atishwe n’urw’akarago ahubwo yahawe isumu na bamwe mubagumyabanga bari basangiye kurongora Uburundi.

« Mfise ivyemezo nshobora no gutanga imbere y’ubutungane bibaye ngombwa », ayo niyo majambo Bob Rugurika yabwiye abamenyeshamakuru mu kiganiro yagiranye nabo kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo uno mwaka.
Ikiganiro yaremesheje kugira agaruke ku rupfu rwa Prezida Nkurunziza, urupfu vyasa nuko atawe rushishikaje gushika aho. Muri ico kiganiro nta vyinshi yamenyesheje, umuyobozi wa Radio RPA yagize ati « Ndaretse Reta y’Uburundi abe ariyo iha umuco abarundi n’amakungu nku mvo z’urwo rupfu, urupfu atari urw’akarago. »
Reta y’Uburundi ntaco yabivuzeko. Inyuma y’iminsi irenga cumi, Bob Rugurika nkuko yari yabisezeranye, yaciye atanga ayandi makuru kubijanye n’urupfu rwa Petero Nkurunziza hari mu kiganiro IJAMBO NI RWAWE ca Radio RPA co kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 08 Kigarama.
Uwo mumenyeshamakuru yatanganje irya mbere urupfu rwa Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2020, amasaha atari make imbere yuko Reta y’Uburundi imubika, avuga ko Prezida Petero Nkurunziza yishwe n’isumu « ryaguriwe mu gihugu ca Tanzania mu karere ka Mwanza. » Isumu ryaguzwe rigenewe Prezida Nkurunziza.
Bob Rugurika azwi cane kubera amatohoza amaze gukora ku ma dossier atandukanye akomakomeye, atunga agatoke uwurongoye Uburundi muri kino gihe. « Ndafise ivyemezo ko Prezida Evariste Ndayishimiye azi neza ibijanye n’urwo rupfu kandi ko ari kw’isonga ry’ababuteguye. Yategerezwa guha umuco abarundi. »
Ikindi uwo mumenyeshamakuru yagize amatohoza yamenyesheje nuko P

   🔴 Umusirikare agiye kuba uwa nde ? Muri Congo yicishwa n'abo agwanira, mu Burundi akurwa agahuzu n'abamujejwe !Abasir...
11/12/2023

🔴 Umusirikare agiye kuba uwa nde ? Muri Congo yicishwa n'abo agwanira, mu Burundi akurwa agahuzu n'abamujejwe !

Abasirikare baherutse gutahanwa inyuma yo kwanka kugwana na M23 muri Nord-Kivu bari mu magorwa atagira izina. Bano basirikare bash*tse mu Burundi ku wagatandatu ku mugoroba. Ejo haheze, baragabanganywe mu makambi atatu : Muzinda, Mujejuru na Cibitoke. Intwazangabo zajanywe mu busho bwa Police Militaire i Bujumbura. Bose hamwe bababa amajana abiri.

🔴 Bapfunzwe batambaye agahuzu

Amakuru twakuye mw'ikambi ya Muzinda no mw'ikambi ya Mujejuru avuga ingene bano basoda bafashwe nabi cane.

Uwuri ku Muzinda yanditse ati :

"Amahoro. Ubu tuvugana ndi mw'ikambi ya Muzinda, imwe mu makambi abavuye Congo bashikiyemwo. Ejo barabambuye impuzu z'igisoda. Ni ukuvuga ko ubu bari mw'iboka. Ubu naho bariko basambisha umuntu umwumwe. Nta n'ikambambiri bafise. Ntibemera ko tubonana nabo, kandi barabaciyemwo imirwi itatu, bamwe bari hano ku Muzinda, abandi i Mujejuru, abandi bakeya mu Cibitoke. Nimudufashe bije ahabona kandi mubwire abarongoye igisirikare ko tutabishigikiye."

Uwuri i Mujejuru nawe yanditse ati :

"Nagira ndabamenyeshe ko ba basirikare bava muri Congo, hariho abazanywe mw'ikambi ya Mujejuru. Abaje hano barafashwe nabi cane. Ubu burakuye impuzu, basigaranye utubura two musi n'udupira two musi ku bari batwambaye. Biratubabaza cane, kubona abantu barakuwe umwambaro w'igihugu bajanwa mu mahanga bambaye umwambaro n'ibendera rya RDC, barahemukirwa, abatari bake bagwayo, none abarokotse bafashwe ukuntu guteye isoni gutya ! Ibi bintu ntubizijana."

🔴 Abasigaye i Goma nabo baraganya

Abasirikare batubahutse gutaha kubera ugutinya nabo batwandikira ingene bariko barasubizwa ku rugamba ku nguvu. Umwe muri bo yanditse ati :

"Ndabaramukije cane. Mpora mbona mukunda gutabariza abasirikare n'abandi baba bari mu bibazo bitandukanye. Nanje ndi umwe mu basirikare bari kubona amakuba atandukanye ngaha i Goma. Abasirikare twarasanzaye turabu

   🔴 Boba ari abasirikare b'Uburundi ?Hari imbuga zo muri Congo zemeza ko bano ari abasirikare b'Uburundi bari baraye ba...
09/12/2023

🔴 Boba ari abasirikare b'Uburundi ?

Hari imbuga zo muri Congo zemeza ko bano ari abasirikare b'Uburundi bari baraye barokotse mu bitero bidasanzwe M23 yari yaraye ikoze ku birindiro vy'abarundi muri Masisi.

Kuri runo rubuga nta kintu twigera twemeza tutagihinyuje. Uwogira uwo amenye muri abo basirikare atwandikire. Nimba ari abarundi, hari imiryango ishobora guhumurizwa ikabonamwo abayo itari ifise amakuru y'aho bageze.

🔴 Abasoda barokotse barahiye bararengwa gusubira kuja kugwana muri Masisi.

Ku rubuga, abasirikare b'Uburundi bashoboye gushika ahitwa Sake barahiye bararengwa gusubira ku rugamba. Abo twavuganye batubwiye ko babemereye kubajana i Goma, hanyuma bakabandanya i Bukavu muri Sud-Kivu aho imodoka z'Uburundi zizoza kubatora.

Amakuru twaronse aremeza ko hari abasoda bari batakaye batanguye kuboneka. Abo ni nka Commandant wa bataillon y'indwi muri TAFOC yari yabuzwe irengero kuva ejo. Bataillon y'umunani na bataillon y'indwi muri TAFOC nizo zakozweko cane n'iyo ntambara yarai yaraye ibaye, ariko hariho n'abandi bo mu zindi bataillons bakozweko n'ico gitero. Amakuru aravuga ko hari abasirikare kugeza ubu bataraboneka, bakiri mu mashamba iyo bahungiye. Ikitavuzwe co nico kumenya ibitigiri vy'abasirikare baguye muri iyo ntambara. Umusirikare wese ariyo yishura ati : "ibara ryaraguye, ntawushobora kumenya ibitigiri kubera TWESE twarahunze, ntitwoshobora gutora ibiziga vy'abacu. Nta n'umwe azi uko bangana.". Uyu musi hamye herekanwa amakamyo y'igisirikare yuzuye ibiziga, bamwe bavuga ko ari ivy'abasirikare b'Uburundi. Ntitwaronse amasoko yemeza ko koko ari abasoda b'Uburundi.

Amakuru ya nyuma twaronse ku mugoroba nuko abasirikare b'Uburundi birukanywe uno musi ku bindi birindiro bitari mu gace kari karaye kabereyemwo intambara. Ariko uno musi ho abarundi bagize "repli tactique ", ntibarindiriye ko baza kubicira mu birindiro vyabo.

Abasirikare b'Uburundi twaganiriye bavuga ko bafise ubwoba ko igisagara ca Goma gishob

    yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Reta y'Uburundi yaciriwe umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.  Amatu...
08/12/2023


yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Reta y'Uburundi yaciriwe umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose. Amatungo yiwe yafashwe.

Désiré Uwamahoro yahoze arongoye igipolisi kigwanya imigumuko yaciriwe imyaka 15.

Uretse umupolisi umwe w’umushoferi yambitswe izera, abandi bane baciriwe igihano kiri hagati y’imyaka iva kuri itatu gushika kuri 15.

Inkuru dukesha ikinyamakuru B-NP Media.

Reposted from:

  🔴 Ewe Congo, emwe ndongozi z'Uburundi !Ingabo z'Uburundi muri Nord-Kivu zaraye mu gahinda kenshi cane. Canecane abasir...
08/12/2023


🔴 Ewe Congo, emwe ndongozi z'Uburundi !

Ingabo z'Uburundi muri Nord-Kivu zaraye mu gahinda kenshi cane. Canecane abasirikare bari muri Bataillon y'umunani na bataillon y'indwi muri TAFOC.

Mu buca bw'ejo haheze (7.12.2023), abasirikare b'Uburundi baratewe na M23 ku birindiro vyabo biri muri Masisi. Intambara itoroheye abasirikare b'Uburundi, barata baromoka, M23 irigarurira uturere bari bajejwe.

Amajwi y'abasirikare b'Uburundi yaraye arahanahanwa kuri WhatsApp arateye ubwoba. Amakuru dukura mu masoko yacu mu gisirikare arateye agahinda. Ibikuru bikuru bigaruka muri ayo majwi be n'ayo makuru ni ibi bikurikira :

1. Harapfuye abasirikare benshi ku buryo abasoda bonyene bivugira ko bahahamutse badakeneye gusubira kuja kugwana muri Masisi. Abasoda bavuga ko bitazoroha no kumenya neza abapfuye uko bangana.

2. Abasoda barasanzaye, bahunze mu rudavagi. Ubundi iyo babonye ko urugamba rutameze neza, abasirikare barumvikana ingene bakinjura bakaja kwisuganya gushasha (repli tactique). Siko vyaraye bigenze. Umusirikare wese yatunzwe n'ayo yameze, bata ibirwanisho n'ibikoresho vyinshi, bafata inzira zitandukanye, baratatana. Hari abatwandikiye bavuga ko bari mu mashamba batazi ingene bazoshikira ibarabara, hari abandi batwandikiye bavuga ko bageze ku nkengera z'ikiyaga Kivu. Hari abatubwiye ko bahisemwo kugenda n'amaguru gushika muri Sud-Kivu.

3. Abasoda benshi bavuga ko badakeneye gusubira guhendwa ngo baje kugwana na M23 kandi abasoda ba Congo badashaka kugwana. Abasoda b'Uburundi baridoga cane ingene abasoda ba RDC babatana urugamba ngo abarundi bararishwe amafaranga menshi nibagende bawote. Baraye batubwiye ingene bamwe mu basoda basa n'abagumukanye umukuru wa Compagnie ya kabiri muri Bataillon 7 ya TAFOC ariko abahatira gusubira ku rugamba. Abasoda babona ko uwo mu chef wabo ashaka kubicisha. Iyo compagnie ikibanza yarimwo nticatewe ariko nabo bari bahataye baragenda. Abo basirikare bipfuza gusubizwa ahitwa Sake, hanyuma Goma, hanyuma Sud-Kivu.

   🔴 Amazina y'abandi basirikare baguye muri Congo yatanguye kumenyekana.Kugeza ibitigiri n'amazina vy'abasirikare b'Ubu...
08/12/2023

🔴 Amazina y'abandi basirikare baguye muri Congo yatanguye kumenyekana.

Kugeza ibitigiri n'amazina vy'abasirikare b'Uburundi bahitanywe n'intambara yabaye ku wambere uheze (4.12.2023) ntibiramenyekana. Abasirikare bari muri Congo bo bavuga gusa ko iyo ntambara itari yoroshe na gatoya, ko ariyo yambere yahitanye benshi. Ibitigiri twari tumaze kuronka ejo ku mugoroba vyavuga abasirikare 13 bahasize ubuzima n'abandi 40 bakomeretse. Ariko n'ivyo vyari ibiharuro vy'imfatakibanza kubera hariho abatazwi iyo bari.

Twari tumaze kubaha amazina y'intwazangabo zibiri, Major Onesphore Ndayiragije batazira Bigohe na Major Pascal Ngendakumana batazira Faraja, baguye muri iyo ntambara. Imiryango imwimwe yatumenyesheje ko abagenzi batanguye kubabikira. Ariko igisirikare co ntaco kirabwira imiryango

Abamaze kumenyekana ni :
1. Caporal-chef Clément Havyarimana (Matricule 76010/HR23005), yavutse mu 1983 ku mutumba wa Kinyinya muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. Clément Havyarimana yari yinjiye mu gisirikare c'Uburundi muri rusama 2009 avuye muri Palipehutu-FNL.

2. 1ère Classe Cassien Hatungimana (Matricule 80498/HR25122), yavutse mu 1993 ku mutumba wa Burengo muri komine Matongo, intara ya Kayanza. Yari yinjiye mu gisirikare c'Uburundi muri 2015.

3. 2ème Classe Edson Izobampa (Matricule 87825/HR30956), yavutse mu 1999 ku mutumba wa Ruhagarika muri 2021. Yari amaze imyaka ibiri gusa mu gisirikare, ni nawe musirikare akiri muto cane mubo twamenye bamaze guhitanwa n'intambara barimwo na M23.

🔴 Imiryango yabuze irababazwa n'agacerere k'igisirikare c'Uburundi

Imiryango yabuze ibandanya gusaba ko igisirikare coza kiribuka iyo miryango. Birababaje kubona abasoda bapfa, imiryango ikabikirwa n'imbuga ngurukanabumenyi, Igisirikare kikigumira mu gacerere. Haraho haca imisi myinshi igisoda ataco kivuze kandi imiryango iba yaramaze kuronka aya makuru maze imiryango ikaguma mu gahinda ko kutamenya neza icabaye. Ahandi naho, imiryango irab

  Inyuma y'amarorerwa yari amaze imisi akorera muri BSR, Lieutenant-Colonel Jacques Nijimbere arungitswe kurongora igipo...
08/12/2023



Inyuma y'amarorerwa yari amaze imisi akorera muri BSR, Lieutenant-Colonel Jacques Nijimbere arungitswe kurongora igipolisi mu ntara ya Cibitoke.

Tubisanga mw'itegeko rya Prezida Ndayishimiye rigena abapolisi batari bake mu mabanga atandukanye.

Mu Burundi amajambo meza ni menshi, ingiro ni zero. Nivyo Prezida Ndayishimiye yita n'ubuswahili.

📸 ifoto y'ikinyamakuru AKEZA.NET

07/12/2023
   🔴 Intwazangabo zibiri z'Uburundi zifise ipete rya Major zaraye ziguye mu ntambara na M23 muri Congo. Abasoda b'Uburun...
05/12/2023

🔴 Intwazangabo zibiri z'Uburundi zifise ipete rya Major zaraye ziguye mu ntambara na M23 muri Congo. Abasoda b'Uburundi bavuga ko bagurishijwe kabiri.

Major Onesphore Ndayiragije yari arongoye imwe mu ma compagnies agize Bataillon y'umunani ya TAFOC. Yari mu ngabo z'Uburundi zarungitswe vuba kugwana na M23 muri Nord-Kivu. Abagenzi biwe bavuga ko Uburundi buhejeje kubura umusirikare w'intwari yari yuzuye ubwitonzi bwinshi. Yari mu ntwazangabo nke z'aba paracommando Uburundi busigaranye. Onesphore Ndayiragije yavutse mu 1978 ku mutumba wa Butare muri komine Bukemba, mu ntara ya Rutana. Ni intwazangabo y'Uburundi kuva muri 2002, afise matricule SS2018/66114. Nkuko twiboneye amafoto y'ikiziga ciwe, Major Onesphore Ndayiragije yishwe yambaye umwambaro wa Congo uriko n'ibendera rya RDC.

Major Pascal Ngendakumana batazira Faraja nawe nyene yari mu ntwazangabo za bataillon y'umunani ya TAFOC. Ntiturashobora kuronka abari basanzwe bamuzi ngo twumve uko bamuvuga. Ico twaronse nuko yinjiye mu gisirikare c'Uburundi avuye mu bagwanyi ba Palipehutu-FNL. Atabarutse atarakwiza imyaka 40 y'amavuko. Pascal Ngendakumana yavutse mu 1984 ku mutumba wa Gisuru, muri komine Giheta mu ntara ya Gitega. Yinjiye mu gisirikare c'Uburundi muri rusama 2009. Yari afise matricule SS1813/76498. Nkuko twavyiboneye kw'ifoto y'ikiziga ciwe, Major Pascal Ngendakumana batazira Faraja yishwe yambaye umwambaro wa RDC n'ibendera rya RDC.

Izi ntwazangabo zibiri ziri muri zine zaraye zihitanywe n'intambara ikomeye cane yabaye ejo hagati y'umuhari M23 n'abo bahanganye barimwo igisirikare ca Congo FARDC, igisirikare c'Uburundi be n'insorensore bita WAZALENDO. Amakuru twaronse avuga ko izindi ntwazangabo zibiri z'Uburundi zahaguye zifise ipete rya Lieutenant. Ibitigiri vy'abasirikare bose hamwe bahitanywe n'iyo ntambara ntibiramenyekana. Amasoko yacu mu gisirikare c'Uburundi avuga ko intambara y'ejo haheze ariyo yambere ihitanye abasirikare benshi, yakomerekeyemwo abasoda

    🔴 Umuryango wa Caporal Ndikuriyo Jean urihebuye cane.Uyu musirikare ntazwi irengero ryiwe kuva igenekerezo rya 26.11...
05/12/2023


🔴 Umuryango wa Caporal Ndikuriyo Jean urihebuye cane.

Uyu musirikare ntazwi irengero ryiwe kuva igenekerezo rya 26.11.2023.

Abiwe bavuga ko Caporal Ndikuriyo Jean yari yarungitswe kugwana muri RDC, muri Kivu y'Ubumanuko, aho igisoda c'Uburundi gihanganye na Red-Tabara be na FNL ya Nzabampema. Igihe akirangije, Ndikuriyo Jean yaragarutse mu Burundi ashikira mw'ikambi mu Cibitoke. Haciye indwi yarahawe uruhusha rwo kuja kuramutsa umuryango mu Rumonge.

Aho mu Rumonge, Caporal Ndikuriyo Jean nta mahirwe yagize. Yahavuye afatwa n'abakozi b'iperereza rya gisirikare kw'igenekerezo rya 01.5.2023, bamukuye aho bita ku Magara mu ntara ya Rumonge. Bamukuye ngaho baja kumupfungira mu gasho ka Police Militaire i Bujumbura. Aho yarakubiswe bimwe biteye ubwoba ku buryo atari agishoboye kuvuga neza. Yaraborejwe igufa bidasanzwe. Abiwe yababwiye ko atigeze amenya ico azira.

Kw'igenekerezo rya 05.5.2023, Caporal Ndikuriyo Jean yarasohowe agasho ka Police Militaire ajanwa mw'ibohero rikuru rya Mpimba. Aho hose yagumye avuga ko atazi ico ariko arazira. Igitangaje, kw'igenekerezo rya 26.11.2023, Caporal Ndikuriyo Jean yarahamagawe n'umuyobozi w'ibohero rikuru rya Mpimba, Colonel Serges Nibigira batazira Gikona, aca aramusohora ibohero. Ntawuzi iyo Gikona yamujanye canke abo yamuhaye. Ico bikoze kuva ico gihe nta gakuru ka Caporal Ndikuriyo Jean.

Abiwe barafise amakenga. Uwabo yaraborejwe igufa bidasanzwe ariko ntiyamenye ico azira. Yamaze amezi 6 mu Mpimba ataburanye none abuzwe irengero atamenyeshejwe icaha yakoze. Amakuru ariko arashikira abaryango ntahumuriza. Birahagarara ko Colonel Serges Nibigira avuga iyo yashize Caporal Ndikuriyo Jean mu maguru masha.

Caporal Ndikuriyo Jean yinjiye mu gisirikare c'Uburundi avuye muri Palipehutu-FNL. Avuka ku mutumba wa Magara I, muri komine Bugarama, intara ya Rumonge. Ndikuriyo Jean yavutse mu 1983, arubatse urugo, ni n'umuvyeyi w'abana bane. Naho atahawe ipete rijanye n'amashure yiwe, nkuko vyagendeye abahoze muri FNL batari bake, Ndikuriyo Jean yize gushika mu mwaka wa 11 w'amashure y'inderabigisha (LP 1).

 🔴 Ni nde yosigura impamvu umupolisi Jérôme Niyonkuru agipfunzwe ?Umupolisi Caporal-chef Jérôme Niyonkuru buca akwiza am...
03/12/2023

🔴 Ni nde yosigura impamvu umupolisi Jérôme Niyonkuru agipfunzwe ?

Umupolisi Caporal-chef Jérôme Niyonkuru buca akwiza amezi ane mu munyororo w'akarenganyo. Azira ko yahanuye abapolisi ko bokwihana bakavavabura no kurya ibiturire kugira ntibaze banyurane n'ubwami bw'ijuru. Kuva abivuze, ntawoharura amadosiye y'ibiturire no kunyonora amaze kuvugwa mu gipolisi.

Gupfunga Jérôme Niyonkuru ni ukurondera kunumya ijwi ry'umuhanuzi. Ubutumwa buri ku kibazo kibabaza abarundi benshi cane. Ubutumwa bwiwe bunashigikira inyigisho za Prezida Ndayishimiye yama asemerera ko agomba kugwanya ibiturire no kunyonora amatungo ya Leta. Gupfunga Jérôme Niyonkuru bisa n'ibivuguruza Umukuru w'Igihugu kuko uca umengo hariho imvugo yo gusinziriza abantu gusa, ariko ingiro ikabura.

Imisi yose Jérôme Niyonkuru amara mu munyororo imeze nk'icirori c'ubutegetsi bwa Prezida Ndayishimiye : "Koko murashaka kugwanya ibiturire canke ni ?"

Nyakubahwa Caporal-chef Jérôme Niyonkuru ntitumwibagira. Abaja gusenga ntimwibagire kumushira mu bisabisho vyanyu.

-----------------------------

🔴 Inomero ku bashaka gushigikira umuryango wa Jérôme Niyonkuru :
Ecocash : 71 548 639 yanditswe kuri Jérôme Niyonkuru.
Lumicash : 69 971 056 yanditswe kuri Jérôme Niyonkuru.
Bancobu eNoti : 69 971 056.

Imana ibandanye kumurinda.

📷 : Iki gicapo cakozwe n'umwe mu bakurikira runo rubuga.

   🔴 Barahemukiye ingabo z'Uburundi ? Umwihwezo w'umwe mu ntwazangabo nkuru z'igihugu.Ubu ni ubutumwa twahawe n'umwe mu ...
01/12/2023


🔴 Barahemukiye ingabo z'Uburundi ? Umwihwezo w'umwe mu ntwazangabo nkuru z'igihugu.

Ubu ni ubutumwa twahawe n'umwe mu ntwazangabo nkuru mu gisirikare c'Uburundi. Nkuko dusanzwe tubikora kuri runo rubuga, kandi nawe nyene yabisavye, ntidutanga umwidondoro wiwe.

Agira ati :

"'Ndabaramukije amahoro. Maze imisi mbona ubutumwa mutanga ku ntambara abasoda b'Uburundi barimwo muri Kivu y'Uburaruko aho bafasha igisirikare ca RDC kugwanya umuhari M23. Ndipfuza kugira ico ndabivuzeko nk'imwe mu ntwazangabo nkuru z'igihugu. Amakuru mutanga aratuma abarundi bamenye ivyo batabwirwa. Amakuru mutanga arahambaye, ariko hariho ivyo mudahora mushikako nipfuza kubasangiza. Sinipfuza ko izina ryanje rija ahabona, ariko ndipfuza ko abaza gusoma iyi nkuru bamenya ko jewe nagwaniye muri CNDD-FDD. Birahambaye ko abarundi bamenya neza ko abahoze muri CNDD-FDD badategerezwa gushigikira amakosa akozwe n'ubutegetsi bukomoka kuri CNDD-FDD. Igisirikare c'Uburundi ndakirimwo kuva muri nzero 2005, aho niho twemewe icese nk'abasoda b'Uburundi. Ivyabaye kuva ico gihe ndabizi, ndashobora kubivugako."

🔴 Umukuru w'igihugu arafise uburenganzira bwo kugomora ingabo hanze y'igihugu.

"Icambere ngomba gushimikako ni ukubatahuza ko atari ubwambere Umukuru w'Igihugu arungitse abasoda hanze. Nk'umuvyeyi w'igihugu arafise uburenganzira bwo kugomora ingabo z'Uburundi zikaja mu rugamba hanze y'igihugu mu gihe inyungu zihambaye z'igihugu zihutirwa. Umukuru w'igihugu nta n'uruhusha abisabira, ico akora arabimenyesha Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka.

Muri 2007, Prezida Nkurunziza yarafashe ingingo yo kurungika ingabo z'Uburundi muri Somalia. Ico gihe inyungu twari dufise zari zibiri. Ubwambere twashaka kumenya ko koko igisirikare cafatanye. Twaribaza ingene tuzomenya ko abahoze mu mihari itandukanye n'abahoze mu gisoda ca kera bafatanye koko nk'abasoda. Kubarungika muri Somalia kwari ukubarungika iyo umwana arira nyina ntiyumve. Kwari ukubarungika mu rugamba tukaraba ingene bas

  Muramu wa Bunyoni arapfunzwe mw'iperereza. Ferdinand Minani ni umukuru wa Quartier Kajiji muri zone Kanyosha mu bumanu...
30/11/2023


Muramu wa Bunyoni arapfunzwe mw'iperereza.

Ferdinand Minani ni umukuru wa Quartier Kajiji muri zone Kanyosha mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura. Asanzwe ari musaza wa Hyacinthe Niyonkuru, umupfasoni wa Général Alain Guillaume Bunyoni. Mu myaka iheze,

Mu myaka iheze, Bunyoni akiri igihangange, Ferdinand Minani yaravugwa mu mabi menshi.Ferdinand Minani yai mu mbonerakure zitinyitse muri Kanyosha. Muri 2015, Ferdinand yaravuzwe mu bwicanyi ku Musaga. Mu modoka yiwe, yaravugwa ko agendana inkoho. Yari azwi nk' kubera ata butungane bwomukurikiranye mu Burundi. Aho ni imbere y'uko ibihe bihinduka...

Amakuru dufise avuga ko Minani Ferdinand yahagaritswe ku musi w'Imana uheze aca ajanwa ku cicaro gikuru c'iperereza i Bujumbura. Amwe mu makuru ariko aradushikira avuga ko Ferdinand Minani yoba yarakubiswe aho apfungiwe mw'iperereza. Bibaye ari ukuri, twokwibutsa ko ico arii icaha gihanwa n'amategeko y'Uburundi.

Mu misi y'ifatwa rya Général Bunyoni, Ferdinand Minani yarasatswe, arahagarikwa, mu nyuma ararekurwa. Ntituzi ko hari isano riri hagati y'ifatwa rishasha rya Ferdinand Minani na dosiye iri mu butungane ya Général Bunyoni.

Kugeza ubu ntituramenya imvo y'ihagarikwa rya Ferdinand Minani. Uwogira ico amenye ku gipfunze Ferdinand Minani n'aboba bafise amakuru y'ivyamuranze botwandikira inbox.

  tv Burundi 🔴   Colonel Dieudonné Dushimagize amaze imyaka ibiri n'imisi 10 yarahejeje umunyororo, ariko arapfunzwe.Har...
28/11/2023

tv Burundi
🔴 Colonel Dieudonné Dushimagize amaze imyaka ibiri n'imisi 10 yarahejeje umunyororo, ariko arapfunzwe.

Hari ibintu bibera mu Burundi umuntu akabura n'ico yovuga. Igihe Colonel Dieudonné Dushimagize batazira Gangi yahagarikwa ku wa 18.11.2016 yagirijwe icaha co kugerageza kugandagura W***y Nyamitwe. Ico caha nticari bwabe kuko kugerageza kwica W***y Nyamitwe vyaciye biba haciye imisi 10, ku wa 28.11.2016. Gutyo mu butungane haca haba imanza zibiri zidasa zijanye no kugerageza kugandagura Nyamitwe. Urwa Colonel Dushimagize yagirizwa icaha kitari bwabeho, mbere n'umusirikare yakoreshejwe ageze imbere y'abacamanza yariyemereye ko yabesheye Colonel Dushimagize. Hakaba n'urubanza rw'abagirizwa ko aribo bageregeje kwica Nyamitwe, vyo bikaba vyabaye Colonel Dushimagize apfunzwe. Mu butungane ntibigeze bafatanya izo manza zibiri, ntibigeze babona ko hari isano ryazo.

Abacamanza vyarabagoye cane guca urubanza rwa Colonel Dushimagize mu gihe bari bafise urundi rubanza ruvuga ico caha nyene. Aho kurekura Dieudonné Dushimagize, bamusizeko umunyororo wo gupfungwa imyaka 10. Nkuko bikunze kuvugwa "itegeko ryavuye hejuru". Muri ntwarante 2021, ikigongwe ca Prezida Ndayishimiye caragabanije igihano ca Colonel Dushimagize, gihinduka umunyororo w'imyaka itanu. Uwo munyororo yawurangije ku wa 18.11.2021. None imyaka ibiri n'imisi 10 iraheze Colonel Dieudonné Dushimagize apfunzwe ata tegeko na rimwe ryisunzwe !

🔴 Abategetsi barabimenyeshejwe bose barinumira

Colonel Dieudonné Dushimagize yarandikiye Umushikirizamanza kizigenza wa Republika amumenyesha ko yahejeje umunyororo, asaba kurekurwa, nta nyishu yaronse.
Colonel Dushimagize yarandikiye Umushikiranganji w'ubutungane Domine Banyankimbona, nta nyishu yaronse.
Colonel Dushimagize yarandikiye Prezida Evariste Ndayishimiye, nta nyishu yaronse.
Colonel Dushimagize yarandikiye Umukuru wa CNIDH Sixte Vigny Nimuraba, nta nyishu yaronse, nta no kumushira muri raporo y'uwo murwi.
Ayo makete

  Up tv Burundi🇧🇮✍️Harategekanijwe kur'uyu wa mbere italiki 27/11/2023 ihiganwa ry'umurisho w'ingoma ku rwego rw'intara,...
26/11/2023

Up tv Burundi
🇧🇮✍️Harategekanijwe kur'uyu wa mbere italiki 27/11/2023 ihiganwa ry'umurisho w'ingoma ku rwego rw'intara, mu ntara zigize Uburundi guhera isaha zine z'igitondo muntumbero yoguhimbaza indwi yahariwe umurisho wingoma z'Uburundi.

📌Mu gisagara ca Bujumbura iryo higanwa rizobera mu kigo Musé Vivant aho imirwi nka Akayazwe, Amagaba, Ruciteme, Komezakaranga, Abagenderabuntu, Intatana, n'iyindi.., izoza yakenyeye yiteguye bikwiye.

📌Umurwi ubaye uwambere uca uduga i Gitega guhiganwa ku rwego rw'igihugu.

✍🏽 Tubibutse izo ngoma z'Uburundi zemejwe zongera zishingwa ku rutonde rw'itunga ndangakaranga ntakabakabwa kw'isi, italiki 26/11/2014 mw'ishirahamwe mpuzamakungu UNESCO.

📍Indwi yahariwe Ingoma z'Uburundi yatangujwe n'uwahoze arongoye Uburundi Prezida Pierre Nkurunziza mu mwaka wa 2017.

Nk'umukunzi w'akaranga canene ingoma, iyo ndwi yahariwe Ingoma uyihambaza gute?

Source: Isanamu Media

   tv Burundi🔴 Intahe y'umusirikare yagwaniye muri Zaïre (RDC y'ubu) ku ntwaro ya Prezida Buyoya."Ndabaramukije. Jewe na...
25/11/2023


tv Burundi
🔴 Intahe y'umusirikare yagwaniye muri Zaïre (RDC y'ubu) ku ntwaro ya Prezida Buyoya.

"Ndabaramukije. Jewe nahoze mu gisirikare c'Uburundi, ubu narakukurutse. Maze imisi mbona mwandika ku makuru y'abasoda b'Uburundi bari kugwana na M23 muri Congo. Ndabashimiye kubera mudufasha kumenya ivyo amaradiyo aduhisha hano mu Burundi. Iyo nsomye ayo makuru hari ivyo mbona bisa n'ivyo twabayemwo igihe Prezida Buyoya yaturungika muri Zaïre ya Mobutu mu 1996. Hari ibindi mbona bitandukanye navyo. Mu ncamake ndakwandikiye kugira ndakubwire ko muvyo utwandikira harimwo ukuri kwinshi cane, ariko hariho ibindi mbona ko mwihenda kubera mutazi ibindi bihe igisirikare caciyemwo. Ndipfuza kubaha umuco mushobora kuba mudafise. Ariko kandi mbandanya kubashimira kubera ivyo mukora bifasha abasirikare kugwanira agateka kabo. Nanditse no mu ntumbero yo guhanura abategeka Uburundi. Abatwara bokwama bibuka ko isi yahindutse cane, ubuhinga ngurukanabumenyi bwatumye ata banga rikibaho. Abategetsi nabo nibige kurongora igihugu mu muco, kuko bitabaye gutyo, amakuru ahabwa abasoda azoba mabi bibace intege ku rugamba. Norangiza mpanura abategetsi kwiga neza ingaruka intambara ya Congo ishobora kugira ku Burundi.

🔴 Si ubwambere abasoda b'Uburundi barungikwa muri Congo

Iyo uriko uravuga ko abasoda b'Uburundi barungitswe muri Congo, umengo ushaka kutubwira ko ari ubwambere bish*tse. Ariko sivyo. Mu myaka ya za 60, ku ntwaro ya Prezida Michel Micombero, abasoda b'Uburundi barafashije Prezida Mobutu kugarura ibice vyo mu buseruko bwa Congo vyari vyigaruriwe n'abaroberi ba Pierre Mulele na Gaston Soumialot. Ariko iyo ntambara ntayo nabonye, nanje ndayumva gutyo. Mu 1972, Prezida Mobutu yarasubirije mu ndumane Prezida Micombero mu kugwanya abaroberi bavugwa ko barimwo n'abahoze bayoboka Mulele. Sinzi ko muzi ko Micombero afise ikibuga c'indege kimwitirirwa i Bukavu be n'ibarabara i Kinshasa. Nta wundi mukuru w'igihugu n'umwe w'Uburundi yigeze aterwa iteka ryo kugira ikibanza kim

Address

Mbarara

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Up tv Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Videos

Share

Category