18/09/2022
DUSUBIRE KW'ISHURE GATOYI
Biology ivugako,iyo umugabo n'umugore bahejeje kurangura amabanga mpuza bitsina imbuto zinjira mu mugore ziba zingana n'imiriyoni amajana atatu (300.000.000) kandi zose ziruka zija muri O**m (irigi)
Muri izo mbuto zose izishika ni imbuto amajana atanu (500) izindi nazo ziruha zigapfira mu nzira ariko hamwe nibyo urugirirwa amahigwe ni rumwe gusa rushika muri iryo gi no kuvamwo ikiremwa muntu
Urwo rubuto rero ni wewe uriko usoma buno butumwa
Biology itubwira ko ari wewe wanesheje/watsinze muri ya miriyoni amajana atatu ubu uri kw'isi
Iyo udatsinda ntabwo uba uri kw'isi uyu munsi
*Ubwo woba umaze kwibaza kuri bino?
Wirutse ata maso,amaguru n'amaboko ufite ariko waratsinze
Wirutse ata bumenyi,amadiplome ufite ariko waratsinze
Wirutse ata bufasha bw'umuntu wariwe wese ariko ntacabujije kutsinda
*Ubu ni ikihe kintu kiriko gituma wiheba ukihebura wiyumvira ko ubuzima bukunaniye kandi ubwawe wavutse uri intsinzi?
Ubu ufite amaso,amaboko,amaguru,ubumenyi ukaba ubayeho kubw'Imana yashatse ko ubaho ni gute wiheba?
Subiza ubwenge kugihe wiyumvire utegure ubuzima ukundi,uziganyire ahazaza hawe (kazoza)utibagiye gusenga Imana kuko ariyo mushobora byose
Wavutse uri intsinzi ntubeho ubuzima bwo kwiyumvira gutsindwa/kuneshwa komeza uhangane kuko uri uwudasanzwe
Amwe mu mabanga y'ubuzima abakire batazigera bakubwira kandi ari nayo atumye bubaka izina uyu munsi
1.Ubuzima ni ibanga rimwe mw'ibanga ni ukugira ibanga
_Ntukabwire umuntu umushara uronka ku munsi cg ku kwezi cg akazi kawe
_Ntukabwire abantu imigambi yawe witegakanirije muri kazoza kawe reka ibikogwa abe aribyo bizokwivugira
2.Ntugahembere ko uzotangura gukora ikintu burikimwe kigiye ku murongo ahubwo muri utwo duke cg twinshi tangura ugire ico ukoze baranayamaze ngo isorosoro rigwirira I bwami nutakora muri utwo nyene uriko uronka ntukitege kuzakora
3.Niba ushaka gushika ku ndoto zawe reka kwigana ubuzima bw'abandi kandi niba ubabyeyi bawe ariwe bahanze amaso
Twibuke kugira j'aime kuriyi page ya Faraday key