Imuhira Magazine

Imuhira Magazine Somera ku rubuga amakuru mashasha atohojwe neza.
(2)

🔴 Woba wabimenye? Guhera ubu ururimi rw'Ikirundi ruraboneka ku rwego mpuzamakungu. 🤗Abipfuza guhindura amajambo ari mu n...
04/11/2024

🔴 Woba wabimenye? Guhera ubu ururimi rw'Ikirundi ruraboneka ku rwego mpuzamakungu.

🤗Abipfuza guhindura amajambo ari mu ndimi atari kavukire mu kuyashira mu kirundi, canke kuyakura mu Kirundi uyahindura mu rundi rurimi wipfuza, kwiga ururimi rw'ikirundi canke kugira ubushakashatsi ubu biroroshe cane.

Urwo rurimi ruboneka wanditse izina muri ugaheza ugahindura ivyo wipfuza.

Ni ibiki iri terambere rigiye kudushikanako?

🚨🚨 Umukobwa wa Perezida🇧🇮  mu mabanga mashasha 👏🏽Umukobwa wa Nyenicubahiro Varisto Ndayishimiye  "Ndayishimiye Keza Navi...
27/06/2024

🚨🚨 Umukobwa wa Perezida🇧🇮 mu mabanga mashasha 👏🏽

Umukobwa wa Nyenicubahiro Varisto Ndayishimiye "Ndayishimiye Keza Navie Questia " asanzwe ari President Directeur Général w'ishirahamwe Bene Ntare yaraye agenywe kuba Assistante mu kigo Fondation Bonne action '" "' isanzwe irongowe n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angelina NDAYISHIMIYE .

Fondation Bonne action Umugiraneza isanzwe ifise icicaro gikuru mukibimba muri komime Giheta intara ya Gitega.

Mbega iyo wumvise ihinyanyurwa ry'ibiciro muri iyi misi wewe atahura iki? Ni igiki woca witega? Munywanyi nawe tubwire t...
23/05/2024

Mbega iyo wumvise ihinyanyurwa ry'ibiciro muri iyi misi wewe atahura iki? Ni igiki woca witega?

Munywanyi nawe tubwire twumve.

✈️ Kuri uwu wa Kane igenekerezo rya 23 Rusama 2024 Bitegekanijwe ko Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu  Evariste Ndayishimi...
23/05/2024

✈️ Kuri uwu wa Kane igenekerezo rya 23 Rusama 2024 Bitegekanijwe ko Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aza gufata urugendo rumushikana muri Tchad k'umurwa mukuru i N'Djamena.

🎗️ Intumbero y'uru rugendo ni ukwitabira ibirori vyo kwimika Prezida yatowe Mahamat Idriss Déby Itno bitegekanijwe uwu munsi.

Ntabanyoteza ni   na   baje kuryosha abafana n'akantu kabo gashasha   Twitege iki muri IvyoBito?
06/05/2024

Ntabanyoteza ni na baje kuryosha abafana n'akantu kabo gashasha

Twitege iki muri IvyoBito?

⛓️  : abagabo bane barapfunzwe bagirizwa kwica umukenyezi n'umwana yari ahetse⚰️ Ni ku mutumba wa  , muri komine   aho u...
27/04/2024

⛓️ : abagabo bane barapfunzwe bagirizwa kwica umukenyezi n'umwana yari ahetse

⚰️ Ni ku mutumba wa , muri komine aho umukenyezi n'umwana wiwe batowe mw'ishamba bishwe "Yishwe anizwe bakoresheje agahuzu ko munsi y'ijipo (sous-jupe)", kari kakiri no mu muhogo igihe ikiziga ciwe catorwa mu gitondo co ku wa 23 Ndamukiza 2024

🚻 Nk'uko bishikirizwa na musitanteri w'iyo komine, uyo mukenyezi, nyina w'abana 4, ntiyumvikana n'umugabo wiwe, "yamubuza gusesagura itunga ry'umuryango, mu kugurisha amatongo ata mugambi afise"

🔗 Aho hatowe ikiziga bahasanze hari n'ibirato, bimwe vy'umugabo wiwe n'ibindi vy'umuntu umwe "kumbure uwo bafatanije mu gukora ico caha". Inyamiramabi bamaze gufata abantu 4, bakaba kuri uyu wa 25 Ndamukiza 2024, bashikanywe mu gasho ka komisariya y'igiporisi i Bubanza ku mvo z'amatohoza

y'inkuru : Jimbere Magazine.

UBWIRAKABIRI BUKOMEYE. Ku musi w'ejo itarike 8/4/2024 inyuma y'umutaga, hazoba ubwirakabiri buruta ubumaze kuba muri iki...
07/04/2024

UBWIRAKABIRI BUKOMEYE.
Ku musi w'ejo itarike 8/4/2024 inyuma y'umutaga, hazoba ubwirakabiri buruta ubumaze kuba muri iki kinjana ca 21.

Uti bizoba vyifashe gute?
Buzoba bufise ubushobozi bukurikira:
Gamma 0,3432
Magnitude 1,0565
Saros 139
Umwanya buzomara : iminota4 gushika ku minota 28,1 s,
Aho buzoboneka cane

Nazas, Durango, Mexico...
Buzpshobora gufuka igice c'isi kandi kingana na
km 197,5.

N'ubwirakabiri bugira 15 bukwiye (canke buzana umwijima ukwiye, 100% totale), bukaba nubwa 18 bubaye muri iki kinjana.

Mukububona bazifashisha amarori yabigenewe kumvo zo gukingira amaso.
Aho buzoboneka cane? Raba amashusho.

 eFeza ni uburyo bushasha bwo guhanahana amafaranga n'ama unité mu mihora yose ikorera mu Burundi.  Umunywanyi yiyugurur...
22/03/2024



eFeza ni uburyo bushasha bwo guhanahana amafaranga n'ama unité mu mihora yose ikorera mu Burundi.

Umunywanyi yiyugururira konte isanzwe aciye kuri *220 # akuzuza ivyo bamusaba.

Ukeneye kuba umu agent ugatunganiriza abakeneye , hamwe n'ama unité imihora yose niwinjire muri iyo groupe ya Whatsapp iriko iratanga inyishu ku bibazo bitandukanye, babahereze na code agent ya eFeza.

https://chat.whatsapp.com/J5ak1CVvGS5CZiGu3t03lC


Amatora mu Burusiya yaraye arangiye. Uko vyagenze ni uku. Vladimir P. aza kw'isonga n'amajwi 87,48%
19/03/2024

Amatora mu Burusiya yaraye arangiye. Uko vyagenze ni uku.
Vladimir P. aza kw'isonga n'amajwi 87,48%

Ukaza wumva ngo jewe urwo ruririmbo rurangora. Menya gufata ku mutwe basi. Nkubu jewe Memodamu dora kashe
15/03/2024

Ukaza wumva ngo jewe urwo ruririmbo rurangora.
Menya gufata ku mutwe basi.
Nkubu jewe Memodamu dora kashe

🔴 Stylozoff yaye aje. Ntagomba kutunyoteza.   yongeye kumuha ayandi mahirwe. Inyuma ya  ? Papa Love umuserukizi w'abapoi...
13/03/2024

🔴 Stylozoff yaye aje.
Ntagomba kutunyoteza. yongeye kumuha ayandi mahirwe. Inyuma ya ? Papa Love umuserukizi w'abapoils (naho bamwe babihakana) ubu azanye iyindi song tutaramenya izina n'umudiho. Ikizwi coco amajwi yamaze kwinjizwa na KollyDaMagic mu vyuma vyabigenewe ari nako abandanya ayatosora.

Tubwire wibaza ko iyi nshasha izoba yitwa gute? Scriii pa!!!!


Ndazi ko mwibuka cane. Ni nde yotubwira uwari we?
13/03/2024

Ndazi ko mwibuka cane.
Ni nde yotubwira uwari we?

Kuba mwagumanye natwe nivy'agaciro.Turabakunda cane.  ,vuba_cane reroWe move
12/03/2024

Kuba mwagumanye natwe nivy'agaciro.
Turabakunda cane.

,vuba_cane rero
We move

04/03/2024
Dufate ko chérie wawe usanzwe umwita maso y'inyana. Mbega abaye yafashwe na ya maso yandi mashasha wohindura izina umwit...
02/03/2024

Dufate ko chérie wawe usanzwe umwita maso y'inyana. Mbega abaye yafashwe na ya maso yandi mashasha wohindura izina umwita canke worekerana?

Kubera ibikorwa vyo guhuza umuhora w'umuyagankuba💡 wa   n'uwari uhasanzwe, ishirahamwe   riramenyesha ko itangwa ry'umuy...
29/02/2024

Kubera ibikorwa vyo guhuza umuhora w'umuyagankuba💡 wa n'uwari uhasanzwe, ishirahamwe riramenyesha ko itangwa ry'umuyagankuba ritazogenda neza ku magenekerezo ya 02 na 03 Ntwarante 2024 umurango wose




🔴 🇨🇩🇧🇮 Umukuru w'Igihugu c'Uburundi arafata urugendo kur'uyu wa 13 Ruhuhuma 2024 agana igihugu kibanyi ca Kongo  , mu nt...
13/02/2024

🔴 🇨🇩🇧🇮 Umukuru w'Igihugu c'Uburundi arafata urugendo kur'uyu wa 13 Ruhuhuma 2024 agana igihugu kibanyi ca Kongo , mu ntumbero yo kurabira hamwe wa mugambi wo kugarukana amahoro n'umutekano mu gihugu ca Kongo no mu karere.

💰 Abikorera utwabo bagiye gushira akanoti mu muyagankuba. Twitege impinduka ?📃 Integuro y'itegeko irimwo iyo ngingo nsha...
08/02/2024

💰 Abikorera utwabo bagiye gushira akanoti mu muyagankuba. Twitege impinduka ?

📃 Integuro y'itegeko irimwo iyo ngingo nshasha yaraye yemejwe n'inama nkenguzamateka ejo hahise itariki 7 Ruhuhuma 2024.

Ariko asigura imvo n'imvano yayo, umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo amasoko ntanganguvu, Ibrahim Uwizeye, avuga ko "basanze hakiriho utunenge n'agahaze mu gisata c'umuyagankuba".

👉🏿 Bimwe mu bigiye guhinyanyurwa harimwo : gushira mu maboko y’abikorera utwabo igisata c’umuyagankuba, bakaba ari bo batanga bakongera bakawudandaza. Ivyo rero ngo bikazotuma urugero rw'umuyagankuba rusanzwe rugeze ku bice 15, 3% ubu, ruzokwiyongera gushika ku bice 70%, mu mwaka w'2030".

🎙️Umukenguzamateka Jean Bosco Barutwanayo, akaba yasavye umushikiranganji ko "yotanga umuco werekana ingene mu myaka 6 gusa, ivyo bice bizoba bish*tse ku 70%, mu gihe iyo myaka 9 yose hiyongeye gushika ku bice 15%".

Kuri ico kibazo, umushikiranganji Uwizeye nta giharuro nyezina yerekanye. Yavuze ko "bazorinda kuvugana n'abahinga ariko yihweje umuyagankuba uhari ubu, ngo ivyo bice bizoboneka kuko bari ku kivi" 😉

Umushikiranganji Uwizeye yamenyesheje kandi ko "kugira hasubirwemwo imihora y'umuyagankuba ishaje hakenewe amafaranga angana imiriyoni 200 y'amadorari" 💸

✍🏾 Mwomenya ko iyo nteguro y'ibwirizwa isubiramwo itegeko nomero 1/13 y'itariki 23 Ndamukiza 2015 riringaniza gushasha igisata c'umuyagankuba.

Musomyi, ubona uwo mukenyuro uzotorera umuti ubukene bw'umuyagankuba ?

Inkomoko : https://lc.cx/BwqVmE

Address

Bujumbura

Telephone

+25769076531

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Imuhira Magazine posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Imuhira Magazine:

Videos

Share

Category