Be Updated my Youngs

Be Updated my Youngs twikangure turwanye ubukene

04/09/2023

Iminsi yose umugore ntaronka umugabo yikwije k*ko turi ugutandukanye

1.Uronse "Handsome" (umuhungu/umugabo mwiza) umutwe wiwe usanga atakiriyo (empty)

2.Uronse incabwenge amasaha 24 aba ari busy n'ibyiwe nta nubwo bakunda guseka kandi ntabwo bari romantic bo ubwabo ntibikunda

3.Uronse umukire/umutunzi ntashobora k*kwubaha.Uzomubwira iki kandi ifaranga arifise?

4.Uronse uwukora akazi nk*ko ushaka usanga ata mwanya aguha akenshi bano bita ku kazi no kwironkera amafaranga we buri munsi yiyumvira ubuzima

5.Uronse imvugakuri mu mufuko usanga 0%

6.Uronse uwugukunda mukuri usanga atari "Level" levo yawe atari amahitamo yawe nk*ko uba ubyipfuza

7.Uronse uwize yaminuje ntiyigera yumviriza impanuro zawe umubwira,n taco umubwira agutahure imbere yiwe

8.Uronse uwuri Smart_ni umubeshi arengeje abenshi ntabwo bakunze kwubaka izabo bihuse kandi nubwo yubaka urwiwe nta kibuza ko akomeza gukundana n'abandi bakobwa k*ko benshi mu bakobwa bo ubwabo usanga bamukunda

Iyigishe gushima muri byose k*ko kuva kuri Adam nta muntu numwe yamye yikwije ninako abagabo twaremwe kandi nawe ubwawe ntabwo wikwije (ukwije byose)

Ushobora kwibaza ngo ninakunda naka niho nzabaho neza ariko ataribyo k*ko buri wese afite uko ameze mu buzima uzaba utuyemwo

Rino ni ibanga abakobwa benshi batazi

Ntugasenge usaba Imana iguhe uwo ushaka wewe ahubwo senga usaba izaguhe uwuhwanye n'ubugombe bwayo aho urugo rwawe ruzagira amahoro

Muri bino bidondaguwe hano nibaze ko wabonye aho umukunzi/umugabo wawe ahagaze

Ndabakunda cane"

11/08/2023

*Ushaka kwitwa umutunzi ukabaho neza, tegura uzohebe akazi ka Leta*

Ushaka kuba millionnaire, milliardaire, bref ushaka kubaho ufise ubuzima bwo kurugero rw'abatunzi noguhanura ibi bikurikira:

*1ere étape :* korera Leta hapana Gusa kugira ubeho, Ahubwo kugira kandi uronke umutahe w'ibanze *ukore microprojets*.

*2e étape :* umaze kubona washinze imizi muvy'ama projets, agura imigambi, cane cane ushinge imigambi yagutse kandi iramba : *macroprojets*.

*3e étapes:* Heba gukorera Leta, gutyo uronke umwanya ukwiye wo kuja gukurikirana ivyawe (suivi). Bisubiye, Arya wari guhembwa uzoyihemba Kuko udahari uhemba uwukurabira.

*Conclusion*: Akazi ka Leta ni ako kudufasha kugira insertion *sociale* et *professionnelle*. Ni icishimikizo kugira dutarukire muvyacu.

Ivyo nivyakunanira, menya ko:

-uzopfa ugendana umutaka wo kugama imvura mw'ibarabara uroye k*kazi ka Leta mugihe abandi baca baduza ibiyo imvura iguye🤣, upfe utuka Leta ko imirongo muri ville kuma Bus isigaye ari miremire🤷‍♂️🤣

- kwubaka muri quartiers zigezweho nturimwo!

- uzopfa usumira k*kansoko itomati z'ibiponde abandi bariko basuma sauce-tomate,

- uzopfa unywa Tangawizi abandi banywa umuvinyu,

- uzopfa utondeye découvert kuri microfinance kugira ubeho quel que soit le salaire uhembwa.

-menya ko uzoraga ubukene umwana wawe Kuko niwapfa ntazogusubirira k*kazi ka Leta, Mbere vyonaba vyiza diplôme yawe bayishize iruhande yawe mw'isandugu Kuko ntawuzoyitorana😉

Etc.

*La vie est un combat personnel : soit on s'adapte soit on disparaît. Nul n'est là pour combattre à ta place*.

Bonne journée...!

08/08/2023

UMUSI UVUKA BARITWENGEYE BARANEZERWA NAWE URARIRA KORA CANE KUBURYO UMUSI UZOPFA NAWE UZOGENDA UNEZEREWE UGIYE MUKAMWEMWE ATACO WICUZA ABANDI BASIGARE BARIRA KUBERA IVYIZA WAMAZE.

burya kubaho ushaka wobivuga mwijambo rimwe ko ari kuberaho abandi neza.

Ukivuka wararize nivyo k*ko ntiwaruzi ikikuzanye
Ntiwaruzi ivyo ujemwo

Abaje k*kwakira canke abakubonye mumuryango bararyohewe impundu ziravuga.
Kuko Bari baronse umuntu mushasha kwisi aje kwikorera ivyiza nibibi vyino si.

Ntanguvu ushiramwo mukuvuka nko kugira amahitamwo nimba uvukira mumuryango kwa "billgates" canke uvukira mumuryango kwa "mbimenyandamutse"

Ariko naho biruko uriko urakura haragera aho wumva wohitamwo ico gukora ukwo ukura pôle pole aho wavukiyo
ari heza urashobora kuhagera heza kuruta canke habi kuruta.

Ari habi ushobora kuhagira habi kuruta canke heza kuruta

Ivyo ngira murabizi ko atakure heza utoshika kandi atanakure habi utoshika.
Vyose biva mubuzima bwaburi munsi umuntu agenda abamwo pôle pole arashika murivyo bibiri habi canke heza.

Rere iyo uriko urakura niwe ugena nimba upfuye abantu bazoshima ngo banezerwe ko Imana ibakuyeko umuzigo canke nimba bazorira k*ko babuze intwari.

Ivyo kugira ubishikeko bizosaba kuba intwari kuba umuntu mwiza
Icambere co upfuye ukenye ntawuzokuririra bihambaye k*ko igituma beshi barira nukwibuka ivyiza wahora ubakorera
Abo utabikorera nabo baba bibuka ivyiza wakoze bakabona ikinogo usize bakabona itara koko rizimye.

Icakabiri ntawuzokuririra namba wabera umutwaro abandi muburyo ubu canke ubundi.
Namba ufise abakwidogera beshi kumakosa yawe
Namba ataco wikura
Namba ubaho ubuzima bwo gukengera abandi
Namba utumviriza abandi
Namba udashiramwo efforts MUBIBAZO vyabandi abazokuririra Bose bazoba ari ukwikurayo kandi nawe ntuzoba UNEZEREWE.

Iga kubaho uberaho abandi vyuzuye uhige amahera ufashe abandi kuburyo kumusi uzopfa bazorira we witwengera bakurenzako akavu namarira nawe wiyoronsa mukamwemwe ubihora igihe batwenga banezerewe nawe urira😁

Gira j'aime na partage twongere dusangire ikiyago

08/08/2023

ndetse niyo bikemutse ntumenya ko vyakemutse utarwanye navyo.

Burya ubuzima bwumuntu bumeze nkubwivyatsi ariko icatsi cubuzima bwumuntu gikura cane iyo gihonyanzwe.
Ibigihonyanga navyo nibibazo umuntu agenda acamwo bikamukuza akaba umuntu mukuru kuruta ibibazo.

Harya uwundzerererwa AMAHORO nuwuba yaraciye muntambara,
Uwuha agaciro infungurwa nuko aba yarumvise inzara neza...
ivyo vyerekana ko cane uca mubibazo cane ukomera kandi utanga agaciro kabereye

Burya umuntu ahunga ibibazo aba ameze nkumuntu yisinzirije
Naho usukako amazi canke ukarya ibinuma ntiyikangura.
Abasa nababandi muguhunga ibibazo baja mubiyovya bwenge ninzoga zumurengera.

Ivyo vyose naho ubijamwo ziguhezeko usanga ibibazo bikiri vyabindi ataho biraja.

None wumva arakamaro akahe ko guhunga ibibazo?

Namba ibibazo bidakemuka atanyishu ufise tekereza ubandanya ivyawe inyishu yukuri nibihe.bizobidadanura.

Namba hariho inyishu kubriki wirengagiza?
Ahubwo hanga gushika k*kanyuma.
Guca inyuma ibibazo nukuvyibikira bikagwira kuburyo uzosanga Amazi yararenze inkombe Hama witwe se bibazo.

Umaze kumenya ibibazo uba umaze kuronka 50% amahirwe yo gukemuka

Duhe j, aime partage na commentaire

08/08/2023

💎Mbega impano yanje ni iyihe? Iri hehe?
Ico kibazo nawe woba Umaze kucibaza?
Muri Kino gihe, iruhande yo kwiga ukarangiza amashure, hageze aho umuntu atungwa n'ico ashoboye biciye mu ngabirano yiwe (TALENT) ni no muri Kino gihe ikibazo c'ubuzi cabaye Umuzi w'ibuyi kigoye kuboneka.

👉Ku bw'ivyo nagira ngo turabire hamwe bimwe mu vyo wokwisunga mu kugenzura no kumenya ahari ingabirano yawe (TALENT). Umwe ati kugira nter'imbere ndakeneye kumenya impano yanje. Uwundi nawe ati: Impano yawe ni yo mateka yawe.

1️⃣Urashobora kumviriza abandi ku vyerekeye wewe:

.....Burya abagukikuje barashobora kugufasha kumenya impano yawe biciye muri Kirya kintu bama bakubwira imisi yose ko ushoboye ikintu runaka, ubwawe ushobora kutabibona ariko ibaze igituma babikubwira buri gihe?

2️⃣Fata akanya wisuzume ubwawe urabe ikintu mu buzima bwawe kikworohera cane gose gukora kurusha ibindi:

.....Burya kira Muntu wese hariho uruhande we ubwiwe abona akarakora ikintu runaka, nta muhangayiko na mutoya bimutera, nta nguvu bimusaba nta kwiyumvira cane, bimusaba ariko uwundi wundi yagerageza kubikora bikamubera umuzigo udasanzwe. Mbega wewe ni kihe kintu kikorohera kurusha ibindi?

3️⃣Isubzume mu biyago vyawe ugiranira na bamwe mu bo Ukunda kuba urikumwe nabo:

....Iyo muriko muganira, bashobora kuba ari abagenzi bawe canke incuti zawe canke Abavyeyi nawe wanashaka. Ni ikihe kiyago iyo gitanguye uwariwe wese aca agutunga urutoke ati noneho baramuzaniye vya bintu vyiwe. Bose bagahanga amaso wewe bagira bati: ni mu muhe akanya nawe arashikiriwe. Ntibigusaba kumanza kwisabaira akanya bose barumva ko atawundi yogukoreramwo.

4️⃣Urashobora kubaza abandi bantu bagukikuje:

.... Burya Abantu bagukikuje na bó barakubona cane kurusha n'uko wewe wibona. Muri ico gihe, barashobora k*kubera inkomoko yo kumenya impano yawe. Ushobora kubaza umwe umwe mw'ibanga ati harya unyihweje mu mukorere yanje harya ni ikihe kintu noba nkora neza kurusha ibindi?

Bose Umaze kumva ivyo bakubwiye urashobora kuca uraba icagarutse kenshi hanyuma ugaheza ukakishimangira mu kugikora neza kurusha.

5️⃣Rondera ca kintu Ukunda canke ca kintu wewe ubwawe iyo uriko uragikora wumva ko umunezero wose iyo wakabaye hose waje wuzuye muri wewe.

.Ibaze mu mibereho yawe ni ikihe kintu iyo Itanguye kubikora urumva nyene ufise amahoro yuzuye umunezero wowo uba wumva atahandi hantu wokwibera ati muri ico gikorwa.
Hamwe wanashaka n'umwanya wisanga wagiye utanabizi ugasanuka Uvuga ngo burya kweli amasaha yakabaye ageze ino hose?

💁Wewe muri ivyo vyose tuvuze aho hejuru ni ikihe ubona ko woherako mu kugira umenye Impano yawe?
Ni ikihe kindi wewe ubwawe woba warisunze kugira umenye Impano yawe? Andika muri Commentaire.

Murakoze

08/08/2023

Gukena canke nugutunga vyose nimumutwe(uko umuntu yiyumvira niko ari) iryo nijambo ry,Imana.

: harabaye igisagara cari gifise umwami ,umunyabwenge ,abatunzi babiri abasigaye bose bari bakenye.

Abakene baca batangura kuja inama k*kuntu bokwica abo batunzi babiri kugirango ubutunzi bwabo bace babutwara ikibazo kirakomera gishika kumwami ariko arababara cane k*k abo batunzi bahora bamufasha.

Umwami abaza wamunyabwenge icokorwa nawe ati: kugirango abo batunzi bagira babaho nibafate ubwobutunzi bwabo babugaburire nabantu bose.

Umwami arateka babatunzi nabo barabikora ubwonyene mwiryojoro bose baraye batunze muri babakene bagira amahera nibintu vyish bitandukanye.

Hama uwarafise umugore umwe yiyongera uwakabiri uwarafise ikinga rimwe akwiza 10 uwarafise impuzu imwe agura cumi uwifise abana b**a muri leta abatwara muri privet nibind vyish bitandukanye nuwutahora anwa inzoga atangura kunwa umuvinyu.

Mugihe gitoya babakene barongeye barakena gose kuruta uk bari ubwambere hama baband bari batunze bab baratunze gose kubera itegeko ryokubiba nokwimbura rikora kwisi knd uko bari bararose ayambere ntaho vyari vyaragiye.

Nkub urose contrat ya 50millions ugaca ugura imodoka ya 45millions nimpwemu yubukene iri kugikorwa. Hariho nabantu bibazako kwubaka inzu babamwo bisigurako batunze si ariyo mahera wari ufise nubukene bukorera muri wewe

Gutunga gukene mumutwe .
ntabukene buzogaragara iwawe.

08/08/2023

Umusore umwe yashaka kwubakana numukobwa mwiza se arumworozi

Umusi umwe agenda kurugo rwiwe kumusaba uruhusha

Umworozi aramuraba aramubwira ati"
Mwana wanje genda uhagarare harya hanze mukibuga ngiye kurekura inka 3 imwimwe .

Niwashobora gufata umurizo umwe winka imwe murizo zitatu umukobwa wanje ndamugushingira .

Umusore aja hanze arindira inka yambere
Umuryango wuruhongore uruguruka hasohoka inka nini atari bwigere akubita ijisho, aratinya ahitamwo kuyireka uti iyikurikira niyo aza kuba ari sawa .Nuko ava munzira arareka inka irarengana

Umuryango uruguruka kandi hasohoka igika kinini cane cabira citerera ibintu nawe atizera , aravuga uti ivyarivyo vyose iyaza kuza iza kuba ari nto kuruta iyi ,k*ko iyi nini irarengeje sinoyigera umutwe ,ahitamwo kureka inka irarengana

Umuryango uruguruka iryagatatu ,agatwengo gatangura kuza mumaso k*ko yarinto cane iyarije kuruta inka zose zari zarenganye
Uko inka yasohoka niko nawe yahagarara neza kugira asimbe ayifate kugihe nyaco

Umusore arasimba kuyifata ariko inka ntamurizo yarifise.

🔰Ubuzima bwuzuye amahirwe menshi
Ariko igihe uyaretse akarengana ngo wizeye ayandi mahirwe meza azoza , ano mahirwe arenganye ntazokwigera agaruka mubuzima bwawe

Hagarika kurindira ngo harigihe ciza co guhindura ubuzima bwawe

Duhe like na commentaire

06/07/2023

GUTE WOTANGURA BUSINESS ATAMAHERA UFISE?

Woba umaze kwumva ibijanye na dropshipping ??

●Mukubikora bisanzwe,nuburyo bwokugurisha kurubuga ngurukana bumenyi bijanye nukugurisha ibidandazwa udafise!mubisanzwe urugurura urubuga gw'idandarizokuri internet(nk Facebook )hama ukagira Ama publicité yugwo rudandazwa kubantu benshi Hama hagize uwushima k*kugurira kurugwo rubuga uca urungika commande kumubosi asanzwe afise ivyo bidandazwa hanyuma agaheza akarungikira umukiriya wawe muvyukuri mugukora dropshiping bisanzwe nk*kuba murudandazwa ,'igikogwa cawe kiba gihagaza mugu promotinga ibidandazwa kuri internet mugabo ukabishira kugiciro Kiri hejuru yica boss mwene ibidandazwa. Urugero urarondera isaha muri mwihinguriro kanaka yamasaha .nyimba iyosaha igurishwa 10$ muriryo hinguriro uca ukora urubuga kuri internet weho ukavugako iyosaha igurishwa 30$ mugihe haruwuguhaye commande,weho uzobika 20$hama mwihinguriro urungike 10$ .uragaba hariho utundi duhera twiyongerako ariko umutoza cnk umu mentor mubi ntakubwira kuberako muvyukuri ntaho yakoreye uru rudandazwa RWA dropshiping! ■Ibanga 1 uzoronka ayo kurungika icokidandazwa nayo k*kibugurira cnk kuriha ikori!
■ibanga 2 uzoronka ingaruka niwakora dropshiping kumbuga ngurukanabumeny nka za Amazon.aho namaher barashobora kuyugara!
■ibanga 3 niwakora dropshiping kuba brokers zashizweho n Amazon canke Facebook barashobora k*kwugarira urubuga gwidandarizo .

■Hari amabanga menshi ukwiye kumenya mukuja murudandazwa gwa droshipping kuberako hari uburyo bwinshi bwa dropshiping.
●nk*ko ndabibabwira,iyurudandazwa ruharawe nabose mw,isi siko biba bimeze muri America!mubutare haheze imyaka 10 dropshiping yagize aba millionaire kundwikundwi.mugabo unomusi biragoye kuberako amasoko yarafashwe !Ninacogituma abanyamerika bariko baja muyandi masoko Mashasha agezweho ubu Nico gihe ninako kanya nawe ukabijamwo duca tuvyita drospservincing nk*ko bisanzwe nibazako watahuye dropshiping
■ droshipping nicokimwe na drospservincing itandukaniro nuko atabidandazwa biba vyibonekeza ahumbwo aha ni ama service Reka ndagusigurire:muri quartien ubamwo harimwo uwushoboye ivyogushushanya mugabo akaba tigereye muzabukuru afise nk'imyaka 70 atazi ivya Facebook cugenda wugurure urubuga kuri Facebook kurugwo rubuga ushireho ibikogwa vyuwo mutama .nihagira uwukubaza plan yinzu nurugero uzoce uja kuri wamutama umubaze ayo yogukirerako iyo plan niyakubwira ko yobikirera 1000$ weho uzoce uja kuri gwarubuga umubwire uwagutumyeko wobikorera 1500$ niyakuriha weho uzobika 500$ hama wamutama yabikora umuhe1000$ ubuzima bubandanye! Sinziko mwoba mwantahuye?? Hariho imbuga nyishi woshobora kubonako Ama service atandukanye kugirango ushobore gutanga drospservincing.

Hariho uburyo bwishi bwokuronk amahera atamutahe ndibazak muzi kuntu ushobora kugend kuruganda rukora ibintu cnk rubidandaza wew ugatwara commission mukubandariza ibidandazwa

Mp like n commentaire hama ndaguh ibanga uko ushobora kuronk ubuzima kuri Facebook na tiktok hamwe nako wokora dropshipping na drospservincing ugaterimbere

Ino page ifasha abantu mukwugurura esprit zabo nawe ukagenda ugakora cane ,uraronk mentorat uko wokuza business yaw ,woronk inyigish zogufasha kwitezimbere muburyo bugaragara nk forex ,crypto, blockchain, production nibind tubitagiye e-coaching kuri bagwiyemezamirimo bashak guterimbere na services nyish zitandukanye.

08/06/2023
A Noter
08/06/2023

A Noter

17/03/2023

nawe , Kugira uronke umukunzi wawe mwiza Kandi yizewe wubuzima bwawe ,ntiwirengagize ibibintu:
______&____&_______&_____&_____&_____&_______

_🔺 raba ko Ari umuntu yitaho umuryango wawe,nubona ataco anezwe ube uramuzibukira hakiri kare k*ko Hari umugabo (umugore) akunda wew gusa,uzanye ibibazo vyiwanyu mumuryango we ntibimuraba,ntaco akurikirana Kandi ntanico afasha mugutora umuti wikibazo uwo ntimukwiranye, none ko ibihe vyose umuryango uzokwamaho,nimba rero atabakunda ngo abiyegereze ahuze nabo Hari igihe uzogira ikibazo bikenerwe ko ujayo canke mujanayo ashobora k*kwankira canke akakwima ubufasha,iwanyu mama,papa nabandi bashobora kuba batifashe neza kubijanye nuburyo ntagire ico asahiriza, muricogihe umuryango uzokubona nabi mbere ushobora kuzoca ugiranira urwanko ruvuye kuruyo muntu wawe, mwirinde atarakuzanira ibibazo bikomeye gusumba,

_🔺 Raba Kandi aho ageza gutahura ,urabe ko mubihurizako akarorero ushobora kuba ufise indoto zo gukora business nini,mbele ugashobora no kujabuka imbibe ariko nawe kubera aba yiyumvira buhoro canke hagufi icogihe ntazogutahura ahubwo azokubona ko ugiye hanze mubuhumbu gusa nabandi bagore canke abagabo, umuntu mutari kuri niveau imwe muzoguma muharira ntanico muzoshokako,umubwiye kugiye kubandanya amashule ntazovyizera azobona ko ugiye kubana nabandi bagabo/abagore hariya ugaruke usanga nawe yaramaze kwonona vyinshi nko kuzana uwundi canke k*kuvyarira hanze ikibondo kubera mutabitahura kumwe,

_🔺Raba ko afise ubushobozi bwo guhangana nishavu ryiwe(Anger Management skill),k*ko umuntu arashavura,arababara rero Haraho bishika utabishatse uravuze akantu kamubabza,k*ko ntushobora kunezereza umuntu imisi yose,nimba adashobora kwigumya ashobora gufata ingingo yo kugukubita,kugutuka canke kuguhana mubundi buryo,ariko uwushobora kwigumya ikibazo kibaye arihangana hama munyuma mukicara mukabivugana b**ahera ubuzima bukabandanya,nutamenya kuvyihweza hakiri kare ntumbaze,

_🔺Raba Kandi ubushobozi bwo gutanga ikigongwe (Kubabarira),nokwibagira (Ability to forgive and forget), nk*ko kwisi atawudakosha k*ko na bibiriya irabivuga ko tuvuze ko atacaha dufise tuba twibeshe, umuntu adashobora gutanga imbabazi no kwibagira uyo uramuca kure k*ko Hari abantu babika mumutima imyaka nka 20 igahera,
Uwo rero ukamwihambirirako atakwishe ntumbaze,

_ ❗mukurangiza rero biragusaba gufata ingingo yo kuja murukundo umanje kubaza umutima hamwe nubwonko ,erega umutima uravuga umviriza rero ico umutima ukibwira, Haraho umutima ukubwira ikintu ukakirengako hama ukazicuza munyuma,nukubwira ati uyu niwe narondera canke siwe uraca ubaza ubwonko insiguro mukumwihweza ubwonko burahanura, ati egome niwe,ndavye uko ndamubona arankwiriye canke ntidukwiranye,

Hanyuma ucuraba ko muhuriye kubintu vyinshi bitadukanye atari uwuzoguma aguhaririza, erega raba umwe akwubaha mwubahana ndetse aguha agaciro mubantu atapfa k*kuburira isoni mubantu,

⭐hama kuberako umugore uzotwara naba afise imico myiza nawe ucubona ibibondo vyawe ingeso biziga kuva kumuvyeyi wabo, mwibuke Kandi ko urukundo ruvugwa iyo ruvuye habiri umugabo canke umugore,iyo bikozwe numwe haba ukwicuza Kandi bikarangira nabi, mwirinde ntimujanwe namarangamutima canke ngo imyaka iranjanye itegure hakiri kare Mugenzi k*ko Urugo rubi nigihonomu yokwisi,

Bandanya kudukurikira hano Hari vyinshi turiko turabategurira,hama mubisangize aba jeunes benshi caane,nabo bagire , and

Ukaba washoboye guheza kubisoma siga akajambo muri comment tubandanye twiyagira ,canke utubaze ikibazo aho mutatahuye!

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Be Updated my Youngs posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share

Category