01/04/2024
🔴 🚨 « TANGANYIKA yaduze cane »
=================
Nico kibazo ciyongera ku bindi bibazo abenegihugu baba mu gisagara ca Bujumbura basanzwe bafise. Gushika ubu imiryango irenga 30 niyo imaze kumenyekana ko yimutse muri karitiye Kibenga biturutse ku mazi y'ikiyaga Tanganyika yabateye. Abahinga bemeza ko amazi y’ikiyaga Tanganyika amaze kurenza imetero 400 aduga, uvuye aho ico kiyaga cahora.
Nk’uko mubibona kurayo masanamu, amazi aramaze kwuzura mu mazu kandi n’amwe mu mabarabara agize iyo karitiye, aratanguye kudahita neza. Bamwe mu benegihugu baragerageza kuzibira ayo mazi bakoresheje amagunira arimwo umusenyi, Abandi nabo bakayasohora bakoresheje utumashini ariko ngo vyose biba impfagusa.
Umuti woba uwahe ? Haba kuri Reta canke ku benegihugu ?
📸: Radio ijira aho muri pag uze urironkera inkuru buri musi
https://www.facebook.com/profile.php?id=61557752978636&mibextid=ZbWKwL