Mashariki TV

Mashariki TV Mashariki TV vise la promotion de l’intégration régionale et les opportunités d’affaires dans l'EAC
(33)

Mashariki TV, projet de Mashariki Media, à pour but de promouvoir le développement intégrale des communautés, renforcer le dialogue politique et le processus de réconciliation en mettant un accent particulier sur les femmes et les jeunes afin qu’ils aient accès à des informations qui concernent leur vie, leurs droits, qu’ils participent activement à la vie publique et privé et que les décideurs prennent en compte de leurs préoccupations.

05/01/2024

Uburundi busubiye guterwa iteka ryo kwakira ihiganwa mpuz'amakungu East African Junior Championship 2024 muri kuva igenekerezo rya 6 nzero 2024 gushika 15 nzero 2024 kuri Entente Sportif. Integuro y'iryo higanwa tuyishikirizwa na Nibigirwe Gilbert arongoye ishirahamwe rya Tennis mu .

05/01/2024

Abagwizatunga b'abarundi canke b'abanyamahanga bazozana imitahe yabo mubijanye n'uburaro Reta ngo izobaha ibibanza vyo kuzubakamwo batarinze kubigura kugira ngo igiciro c'amazu kigabanuke. Dieudonné DUKUNDANE Umushikiranganji ajejwe inyubako yabivuze kuri uno wa gatanu aho yari yagendeye ikibanza kiri mu kiriko cubakwamwo amazu y'uburaro n'ishirahamwe .

05/01/2024

: Ikibanza c'iratiro co ku bita ku mu ntara ya ntigishimishwa n'abo mu buyobozi bukuru mu gisata c'ingenzi bivanye n'ingene gifashwe mwa kino gihe. Jacques Bigirimana umuyobozi mukuru w'ico gisata yabishirije mu rugendoshure yakoze kuri uyu wa kane aho ku Mashuha.

05/01/2024

Amafaranga y'ingwati angana n'imiliyoni 100.000.000 asabwa kuwuzokwitoza mu kibanza c'Umukuru w'Igihugu azotuma hitoza abanya poritike bazi ko bafise injunja mu gihugu nk'uko bivugwa n'Umukuru w'Igihugu.

05/01/2024

: Abateshejwe izabo bari mu gihugu hagati basanzwe baba mu matongo y'abandi nibubaka ibigega ngo basubire iyo bahunze bava, Reta izobaha amabati yo gusakara, abipfuza kuguma mu bigwati nabo nyene Reta izobashira mu bigwati babane n'abandi.

05/01/2024

Ukatili wa kingono vitani ni jambo linalokumba wanawake, na wasichana Mashariki mwa Jamhuri ya Kidemokrasia ya Congo, DRC. Wanapobakwa na kupewa ujauzito wengi wao hukosa pa kukimbilia kusaka msaada wa kiafya na kisaikolojia.
Julienne Lusenge, mshindi wa tuzo ya Umoja wa Mataifa ya haki za binadamu kwa mwaka 2023 kwa kutambua hilo mwaka 2000 aliunda SOFEPADI, shirika la kiraia la kusaidia wanawake na watoto waliokumbwa na ukatili wa kingono na ubakaji.
Takribani miaka 23 sasa mafanikio yanaonekana. George Musubao, Mwandishi wa Habari wa Idhaa ya Kiswahili ya Umoja wa Mataifa nchini DRD amezungumza na mmoja wa wanufaika akiwa ofisi ya SOFEPADI hapa Bunia, mji mkuu wa jimbo la Ituri mashariki mwa Jamhuri ya Kidemokrasia ya Congo, DRC.

05/01/2024

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru n'abenegihugu, Umukuru w'Igihugu yatanze kuwa 29 Kigarama 2023, aratanga umwizero ko imbonakazoza y'uburundi muri 2040 atacobuza tuyishikako hamwe abarundi bokwemera bagakura amaboko mu mpuzu bagakora.

05/01/2024

Ukatili wa kingono vitani ni jambo linalokumba wanawake, na wasichana Mashariki mwa Jamhuri ya Kidemokrasia ya Congo, DRC. Wanapobakwa na kupewa ujauzito wengi wao hukosa pa kukimbilia kusaka msaada wa kiafya na kisaikolojia.

Julienne Lusenge, mshindi wa tuzo ya Umoja wa Mataifa ya haki za binadamu kwa mwaka 2023 kwa kutambua hilo mwaka 2000 aliunda SOFEPADI, shirika la kiraia la kusaidia wanawake na watoto waliokumbwa na ukatili wa kingono na ubakaji.

Takribani miaka 23 sasa mafanikio yanaonekana. George Musubao, Mwandishi wa Habari wa Idhaa ya Kiswahili ya Umoja wa Mataifa nchini DRD amezungumza na mmoja wa wanufaika akiwa ofisi ya SOFEPADI hapa Bunia, mji mkuu wa jimbo la Ituri mashariki mwa Jamhuri ya Kidemokrasia ya Congo, DRC.

04/01/2024

Nta bana bakurwa mu mashure canke abakora imirimo babuzwa gukora ngo baje kwakira indongozi ziba zagendeye ahantu nk'uko bivugwa n'Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD.

04/01/2024

Ku kibazo c'ingoro z'imigambwe ngo zisamburwa hirya no hino mu gihugu ngo ntibifashe. Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD avuga ko ahanini aruko ari amazu baba bapanze bishika beneyo bakayisubiza bakayakoresha ibindi.

04/01/2024

Mu ngo ntacotuma habaho igopolisi kirwanya igiturire gikukira ubundi bushikiranganji kandi ubushikiranganji bw'ubutungane bufise inzego zikwiye zo gutohoza no guhana inkozi zikibi n'abarya ibiturire. Bishikirizwa n'Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye.

04/01/2024

Abakorera mu gisata c'imyuga mitomito n'igisata c'amahinguriro mato mato bo mu bihugu vyo mu muryango wa Afrika y'ubuseruko bageze ku rugero uruhe ? Biteguye gute guhiganwa mw'isoko ryagutse ku mugabane wa Afrika canke no ku yindi migabane y'isi ? Kurikirana ireresi ya wirabire urugero rw'ibidandazwa vyari vyashowe mw'ihayanisha-gurisha ryitiriwe Juakali-Nguvu kazi ryatunganijwe mu gisagara ca , ryahuje abo mu muryango wa Afrika y'ubuseruko.

04/01/2024

Reveriyano Ndikuriyo yatanze umuco ku mvugo akunda gukoresha ku bijanye n'igifaransa hamwe n'ugufata inswa. Yagarutse kandi ku bijanye n'indinganizo y'ivyigwa bitangwa mu hamwe n'ihangiro ry'iterambere mu Burundi. Kurikira Umunyamabanga Mukuru w'Umugambwe CNDD FDD

04/01/2024

Abarimyi bashize hamwe amatongo kugira bakorere hamwe muri Koperative ku mitumba ya , hamwe na , muri zone , komine , intara ya basabwa gukoresha neza umwimbu, hamwe n'ukurondera ibitungwa bito bito bisahiriza mu kurwiza umwavu w'ikirundi. Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw'ibidukikije uburimyi n'ubworozi amenyesha ko Reta y'Uburundi yipfuza ko intara ya yosubira kuba ikigega c'Igihugu.

04/01/2024

Pamoja na kwamba ni mwanafunzi na mwanasarakasi, kijana Job Kabagaya, al maaruf Joka, mkimbizi kutoka Jamhuri ya Kidemokrasia ya , anatumia pia kipaji chake cha uimbaji kwani anaamini matumizi bora ya vipaji ni mkombozi. Ungana naye akizungumza na John Kibego wa Redio washirika Kazi-Njema FM ya Hoima nchini .

03/01/2024

Kurikirana ikiganiro Bafashe kumenya gitegurwa n'ikigo kijejwe gutororokanya amakori n'amatagisi gifasha kumenya ibibazo abatangakori benshi bibaza.

03/01/2024

Abantu bafise umutima mubi wo gusambura itunga ry'igihugu nibo bariko batuma uburundi bubura amahera y'agaciro kugira bushobore kugura igitoro cobumaza na kabiri. Vyavuzwe n'Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye mu kiganiro yahaye abanyagihugu n'abamenyeshamakuru cabereye muri Komine yo mu ntara ya .

03/01/2024

Imigenderanire hagati ya Umugambwe uri ku butegetsi mu n'Umugambwe uri ku butegetsi mu yoba yifashe gute ? Hokorwa iki kugira imigenderanire y'Uburundi n'Urwanda ibe myiza ? Kurikira Reveriyano Ndikuriyo Umunyamabanga Mukuru w'Umugambwe CNDD FDD

03/01/2024

Wari umunezero muri Paruwasi Makamba aho Fondation Pax Burundi yari iramutse yifadikanya n'abakirisu ba Paruwase mu birori vyo gushimira Imana ko barangije umwaka mu mahoro, bongera banayishikanira.

03/01/2024

Umugambwe uri ku butegetsi mu urashima ingingo yafashwe n'Abasenyeri Katorika b'Uburundi yo kutazohezagira abahuza ibitsina babisangiye. Reveriyano Ndikuriyo Umunyamabanga Mukuru wa CNDD FDD amenyesha ko ivya "Homosexualité" ari ivumwe.

03/01/2024

Ihangiro rya Arena Star ngo ni kuba mu bibanza bine vya mbere nayo muri PVP Buyenzi ngo n'igikombe c'ihiganwa ry'abigeme. Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu kiganiro yagiranye n'abamenyereza b'iyo migwi, inyuma y'urukino rwabahuje PVP itsinda Arena Star igitsindo kimwe ku busa (1-0).

03/01/2024

Fondation Pax Burundi yarifadikanije n'abakirisu ba paruwase Makamba mu birori vyo gushimira Imana ko barangije umwaka mu mahoro. Patiri mukuru wa Paruwasi Makamba, Niyinkuru Petero, yahereje iyo misa y'ubukengurutsi akaba yasavye ko abakristu kwubahana mu miryangi yabo bagakora cane bagaheza bagashimira Imana kungabirano yabahaye.

03/01/2024

Umugambi wo gushira mu minwe y'abikorera utwabo igiterwa c'ikawa ngo ni kimwe mu vyatumye igihugu kibura amafaranga mvamakungu. Ni muri iyo ntumbero mu mugambwe bavuga ko bashigikiye imbonakazoza y'igihugu ko 2040 coba ari igihugu cifashe muri 2060 kikaba ari igihugu giteye imbere. Uwo mugambwe uhimiriza abagumyabanga gusubira kurima ibiterwa bishoka hanze bizana amafaranga mvamakungu.

03/01/2024

Ingingo zifatwa na Reta y'Uburundi mu gutunganya igihugu ngo ziba zishigikiwe n'Umugambwe , kuko Reta ishira mu ngiro intumbero n'imigambi y'umugambwe watsinze amatora.

03/01/2024

Umugambwe uri ku butegersi mu urahakana ko ingorane ziri mu mugambwe ata ruhara ubifisemwo.

03/01/2024

Mkutano wa 28 wa nchi wanachama wa mabadiliko ya tabianchi, COP28 ulipomalizika tarehe 13 Desemba mwaka 2023 huko Dubai, Falme za kiarabu, mambo muhimu yaliyotakiwa kupatiwa kipaumbele ni pamoja na kuhakikisha jamii zinapatiwa mbinu za kuweza kuendelea kujipatia mahitaji yao kwenye mazingira yao huku zikihimili madhara ya mabadiliko ya tabianchi.


03/01/2024

Rossy Nahayo avuga ko ihiganwa rya 's_League ririko riragenda neza naho ryatanguye hari imigwi itsindwa impaga. Ku bwiwe ngo bari bakwiye kwongereza imigwi ikava kw'icumi ikagezwa kw'icumi n'itandatu nko mu bagabo kugira abakinyi bagire inkino nyinshi mu kwitegurira ya migwi iba ikomakomeye ku mugabane wa Afrika.

03/01/2024

Miongoni mwa jamii hizo ni Wahadzabe, kabila hili lililoko nchini Tanzania. Jamii hii hutegemea uwindaji pekee msituni ili kupata chakula, lakini athari za mabadiliko ya tabianchi yameathiri upatikanaji wa chakula hicho. Umoja wa Mataifa kwa kutambua changamoto hiyo, ukachukua hatua mara moja ili kuepusha zahma. Je hatua gani imechukuliwa? Hiyo basi ndio mada yetu kwa kina hii leo k**a inavyoletwa kwako na Evarist Mapesa kupitia video iliyoandaliwa na Mfuko wa Umoja wa Mataifa wa Maendeleo ya Kilimo IFAD


02/01/2024

: Intebe 180 zifise agaciro k'imiriyoni zirenga indwi mu mafaranga y'Amarundi niyo ngabire urwaruka ruhurikiye mu muhari w'Imbonerakure rwo mu mugambwe CNDD-FDD zifise imirimo zirangura zaronkeje ishure rya I riri muri zone , komine Ntahangwa mu gisagara ca . Umuyobozi w'iryo shure arashima iyo ngabire kuko bamwe mu banyeshure bahora b**a bicaye hasi

02/01/2024

: Hatanzwe inkwavu ku mutumba muri komine intara ya . Umunyamabanga mukuru w'umugambwe asanzwe avuka kuri uwo mutumba wa Sampeke ari kumwe n'umunyamabanga w'uwo mugambwe mu ntara nshasha ya bakaba bari bateye iteka ivyo birori kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 31/12/2023, ibirori vyaranzwe kandi n'ukwinjiza abanywanyi bashasha.

Mw'ihiganwa rya   bisa nk'aho urugendo rwa Vital'0 FC rurangiyeFT : Azam 3-1 Vital'0 FcHari mu rukino rugira 3 muri  , i...
02/01/2024

Mw'ihiganwa rya bisa nk'aho urugendo rwa Vital'0 FC rurangiye

FT : Azam 3-1 Vital'0 Fc

Hari mu rukino rugira 3 muri , inkino zibiri za mbere yarazinganije itsinzwe rumwe na .

Igitsindo ca Vital'o FC cinjijwe na Jean Nzeyimana, Hussein Ndayishimiye umunyegori wa Vital'0 FC ahabwa agashimwe ka Fair play n'ibahasha ya 200.000 ksh.

Kubandanya kuri Vital'0 Fc bisaba yuko iba mu migwi ibiri iherekeza imirwi 6 yabandanije "Meilleur perdant" mu mice itatu barimwo.

Amahirwe ubona ahari kuri Vital'0 FC?


 :   yatsinze mu matora y'Umukuru w'igihugu.------------------------------------------------------------------------Umug...
01/01/2024

: yatsinze mu matora y'Umukuru w'igihugu.
------------------------------------------------------------------------
Umugwi ujejwe gutegura amatora muri République Iharanira Demokarasi ya waraye utangaje ibiharuro mfatakibanza vy'ivyavuye mu matora y'Umukuru w'Igihugu yatunganijwe kuwa 20-21 kigarama 2023, aho uwahora arongoye ico gihugu Félix-Antoine Tshilombo yatowe ku majwi 73,34 %. Mu bo bahiganwa Moïse Katumbi yaronse amajwi 18 % nayo Martin Fayulu aronka 5,33%.

01/01/2024

: Kurikirana Ijambo ryashikirijwe n'Umukuru w'Igihugu, rijanye n'umwaka mushasha w'2024.

31/12/2023

Uburundi ngo bwotera imbere bufatiye akarorero ku bindi bihugu vyateye imbere mu myaka mike vyahora bikenye . Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye atanga akarorero ku kugene igihugu c'Ubushinwa ( ) cateye imbere mu mwanya muto bivuye ahanini ko abenegihugu baco bemeye kugirwa inama n'indongonzi bagatako bakazumvira.

31/12/2023

Inyigisho zatanzwe na Apôtre Isidore Mbayahaga ku munsi wa nyuma w'amasengesho yo gushimira Imana yabereye mu . Yashimikiye ku kwumvira indongozi y'igihugu, ari wo mutwe w'igihugu.

31/12/2023

: Iyo Reta idashira amahera mwifumbire kugira ngo umwenegihugu aronka ifumbire izimbutse ubu igihugu kiba kigeze he? Iyo Reta idasahiriza ama koperative yo ku mitumba agwiza umwimbu igihugu kiba kigeze he ? Kurikirana zimwe mu mpanuro Umukuru w'Igihugu yatekereye indongozi mu masengesho yariko abera mu .

30/12/2023

Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye asengera igihugu mu gusozera amasengesho yari amaze indwi abera mu ntara ya . Kurikirana👇🏾

30/12/2023

: Mu nyigisho yahaye indongozi, Umukuru w'Igihugu avuga ko abarundi borema kuko amahigwe yo gutera imbere ari menshi, ibikenewe ngo ni ukumenya gutunganya itunga Imana yaduhaye.

30/12/2023

🎹 Indirimbo yaririmbwe na chorale y'Abashikiranganji ba Reta y'Uburundi, mu gusozera igikorane co gushimira Imana catunganijwe n'umuryango w'Umukuru w'Igihugu, mu ntara ya . Mbega abo bashikiranganji ubahaye amanota angahe kw'icumi?

  : Vital'O yanganije na Mlandege FCMu rukino rugira kabiri muri Mapinduzi Cup Vital'O FC inganije na   igitsindo kimwe ...
30/12/2023

: Vital'O yanganije na Mlandege FC

Mu rukino rugira kabiri muri Mapinduzi Cup Vital'O FC inganije na igitsindo kimwe ku kindi.

FT:Mlandege 1-1 Vital'0

Igitsindo ca Mlandege cabonetse mu gice ca mbere gitsinzwe n'umukinyi Lupekenya, Kessy Jordan NIMBONA nawe wa Vital'O agombora mu gice ca kabiri.

Urukino ruhera banganya igitsindo 1-1

Vital'0 izoca ikina urukino rwa nyuma mw'itsinda rya A na Azam kuwa kabiri igenekerezo rya 2 Nzero 2024.

Muri urwo rukino, Fred Nizeyiana wa Vital'O FC niwe yatahukanye agashimwe ka Fair play, akaba yaronkejwe ibahasha y'amafaranga ibihumbi amajana abiri y'amashilingi yo muri

Address

Kigobe, Avenue Des Etats Unis Numéro 57
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Mashariki TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Mashariki TV:

Videos

Share