
10/10/2023
NI GUTE HABAHO UWUPFA HANYUMA AKAGARUKA ARI MUZIMA(Igice ca 1)
🌝Bakunzi mudukurikirana twongeye kubaramutsa.
Mugize imisi mubona umuntu i Gitega bavuga ko yari yarapfuye ariko yongeye kubonekana ari muzima.Ivyo ni ibintu bibaho ntibibatangaze.
😯Muti bishoboka bite:
Je ndi Admin nakoze amatohoza kubijanye n'uburozi.Leta nyinshi canke amadini ntiyemera ko habaho uburozi canke abarozi.Ariko mu kibano baravyemera kuko babibayemwo kuva ibinjana bitari bike biheze.
Nimba utararorwa shimira imana kuko ingorane zicisha umuntu muvyo atokoze.Ariko suko woca uhakana ngo ntibibaho.
😧Umuntu arashobora gupfa bakamuhamba kandi atapfuye ari abarozi bamutwaye kugira bamukoreshe akazi karuhisha kabananiye.
Uwo muntu acayi yitwa "Ikintunge" ntaba yapfuye aba ari muzima ariko yaranyurujwe mu buryo bw'impwemu mbi z'abarozi akajanwa ahantu hibanga,akavanwa muri iyi si y'Umuco akajanwa muyindi si y'Umuzimiza(umwijima)
👹Muti bigenda gute:
Hari amashure umurozi acako kugira agere kurwego rwo gutunga "Ibintunge.Kugira ushike kuri urwo rugero uba ufise inguvu z'uburozi bita "Bakas" rivaye mw'ijambo "baka pygmies" ni ubwoko bw'abantu baba mw'ishamba rya Afrika yo hagati.
💀Kugira ushike kuri urwo rugero umanza guca kuvyirwa vyo kuzura abapfuye mwitongo ry'abapfu ico bita "Mortoo tombo mivi" bisigura ngo: Uwuri mumva
ni uwanje.
Umurozi amaze gushika kuri urwo rugero aba ageze kure muvyirwa vyuburozi.Aba yarafuswe muri we icitwa "Impuhwe" kuki bitinyitse cane.
Iryo pete mu burozi benshi bararitinya kurishikako bakemera kuza baratanga amahera kubamaze kurishikako bakabaha akazi babakorera.
Kuzura abapfuye vyatanguye mu myaka ya 1500 mugihugu ca Zayire(aha hakurya muri kongo) hanyuma bija muri Haiti aho vyahavuye bikwira isi yose.
👺Umuntu atwawe n'abarozi apfa kukwi na bukwi.Si ukumwica ni ukumuhindurira aho yahora aba.Ubugingo bwiwe buba bukiri kwisi gushika aho Imana izobutwarira.Ntaho aba yagiye tureka kumubona gusa.Intumbero y'abarozi biba ari:
1.Kumurya inyama:inyama:Ibi navyo n