13/07/2024
Ibitangaza n'utwumiza nivyo bigaragaye mugikorane hamwe numukozi w'Imana ,Ku munsi wa mbere w'igikorane c'ubutumwa bwiza n'ibitangaza categuwe n'ishengero rifadikanije nurunani rw'amashengero akorera muri komine Muha.
🎤Mw'ijambo ryikaze ryashikirijwe na Musitanteri wa komine Muha , yamenyesheje ko umutekano ari wose kandi ko, abakozi b'Imana muri iyo komine mubikorwa vyabo bakora berekeza kw'iterambere.
🎤 yari yateye iteka ico gikorane kw'izina ry'Umukuru w'igihugu,mw'ijambo ryiwe yashimiye cane n'inani z'amashengero bafadikanije gutegera ico gikorane ngo kuko kije kugaburira no gutekanya Imitima n'imishaha y'abenegihugu na cane cane urwaruka ruri mu buruhuko.Agasaba abitabiriye igikorane kwima amatwi ba sesankuyoze bavuga ko ataterambere rishoboka kugihugu cacu ngo ahubwo bakore cane bagiteze Imbere.
🎤Mu nyigisho zatanzwe na ,ATI ivyerekana kw'Imana yacu iriho n'ivyo yaremye hamwe n'ibitangaza n'utwumiza nubu bigikoreka mw'ishengero,ATI Kandi isi yose ikwiye kumenya kandi ikizera ko Yesu ari umwami n'umukiza mu bugingo bwacu.
Inyuma n'inyigisho abantu benshi bakuriye umwami yesu,inyuma y'ugusengerwa n'umukozi w'Imana Naho barakira Aho umwigeme yaramaranye ikivyimba imyaka itandatu mu mugongo cayonze nuwarakimaranye imyaka 17 mukanwa kirayonga.
SigSigaho NewsMABMPD ONG localeNGABMPD ONG localeo@followers