Kuri uyu w'Imana muri Komine Buganda mu ntara ya Cibitoke hari haramutswe hatunganywa inkino zahuza umurwi wa SAIDO Ntibazonkiza hamwe n'umurwi wa Nyange youssuf mu ntumbero yo kwegeranya uburyo bwo gufashisha abahuye n'ivyago vy'imyuzurira mu gatumba.
Ido n'ido yurwo rukino na mugenzi wacu Willison KWIZERA.
Kuri uyu wa gatandatu niho patiri #Anastase_Uwizera avuka muri paroisse Munanira iri mu ntara ya Muramvya yahimbaza yubile y' imyaka 25 iheze yatiwe mw' ibanga ry' ubusaserdoti.
đź’’Mu misa yasomye imbere y' ivyo birori, akaba yarahanuye abasenga ko muvyo bakora batorondera gushimagizwa n' abantu ahubwo ngo bakwiye kwishimira gukora ivyo Imana ishaka, uwo musaserdoti yabasavye kandi kwitwararika kuremeshanya na cane cane kuremesha abari mu bibazo banasabire abo baba bihebeye Imana kugira bakomere kw' ibanga bahawe.
đź“ŚIcariho c' umwungere mukuru wa diyoseze ya Bujumbura, akaba n' imvukira ya paroisse #Munanira, Musenyeri #Anatole_Rugerinyange, akaba yarashimye ukwo patiri #Anastase_Uwizeye arangura ibanga yashinzwe, akaba yaramukeje kubera atatiriganye muri iyo myaka 25 amaze yatiwe.
Inyuma y'umutaga wo kuri uyu wa mbere ,abakristu bo mwishengero rya beloved church barikumwe n'abandi bo muyandi mashengero bakiriye kukibuga c'indege Melchior NDADAYE Umuvugabutumwa Réverand Pasteur Jin Sung Won ava mu Gihugu ca Coréa y'epfo ,akaba yaje gukoresha ibikorane bizobera muntara ya Ngozi hamwe no mu Gisagara ca Bujumbura.Uwo muvugabutumwa avuga ko yizeye ko murico gikorane Imana izosuka umugisha wayo ku Gihugu c'Uburundi.
Inkuru ya Thérèse HABONIMANA
Impapuro abanyeshure bakoreyeko ikibazo co mu mwaka w'icenda gitanga uburenganzira bwo kubandanya igice c'amashure y'inyuma ya shure shingiro ngo zizoba zash*tse mu ntara z'indero guhera ku wa 3 igenekerezo rya 26 Ruheshi uyu mwaka. Bimenyeshwa n'umukuru w'umurwi w'igihugu ujejwe gutunganya ico kibazo Jeanine IHORIHOZE. Akamenyeshako bariko barakora uko bashoboye kugira abanyeshure bazoje mu biruhuko babonye amanota yabo.Umukuru w'umurwi w'igihugu ujejwe gutegura ico kibazo arashimira abayobozi b'indero mu ntara bafashije mu gutanga abakosora ico kibazo bafise akarangamutima k'umwuga, ivyatumye ata tunenge duhambaye twibonekeje .
Imatela 204 ni yo ngabire ishirahamwe SINELAC rijejwe Ivyo guhingura n'ugutanga umuyagankuba mu bihugu vy'ibiyaga binini vy'Uburindi,Urwanda na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yatanzwe kw'ishure Lycée Gisenyi riri mu gisagara ca Bujumbura.Umuyobozi ajejwe ivy'ubuhinga muri SINELAC MANANGIRAKAMARO Désiré akamenyesha ko muri uyu mwaka hamaze gutangwa imatera 820 zifise agaciro k'imiliyoni 142 z'amafaranga y'amarundi ku mashure 4 afise indaro,ari yo Lycée Butara mu ntara ya Cibitoke, Lycée Bukinga mu ntara ya Bubanza,ETG Mutumba mu ntara ya Bujumbura n'iri Lycée Gisenyi. Abanyeshure ba Lycée Gisenyi,uwutwara iryo shure NIYONKURU Aisha n'umuyobozi w'indero mu gisagara ca Bujumbura NIBIGIRA Fidélité bose barashimira iryo shirahamwe SINELAC kuri iyo mfashanyo ryatanze.
DUHANE IJAMBO
DUHANE IJAMBO
NKURUNZIZA CUP ,kw'igenekerezo rya 29/06/2024 igihe c'isaha icenda z'umuhingamo hagati ya Aigle noir vs Academie la Rambla .
RADIO NDERAGAKURA
AMAKURU
RADIO NDERAGAKURA
PROGRAMME
L'Université du Lac Tanganyika organise depuis ce jeudi le 20 Juin jusqu'au 25 juin 2024 une formation de l'école d'été baptisée KWIGA sur le "déploiement dans le cloud".Dans une conférence de presse de ce jeudi ,le Recteur de cette université Evariste NGAYIMPENDA a indiqué que l'objectif de cette formation est de détecter les talents qui peuvent faire des compétitions avec les autres des pays étrangers. Il interpelle la population Burundaise de se mobiliser davantage avec la TIC.
Les détails avec Thérèse HABONIMANA
Mu gihe kuri uyu wa 13 ruheshi 2024 hasozerwa mu ntara ya #Cibitoke ihiganwa hayanishwa gurisha y'imigambi y'ubushakashatsi n'ivyahinguwe mu vyavuye mu bushakashatsi, uwurongoye ishirahamwe rihingura amazi #KANDI ,Ir #NDUWARUGIRA_Claude yarerekanye uko iryo shirahamwe rikora nintumbero ryihaye kugira rishobore gushiika kumbona kazoza.
Tumwumvirize.
Ikigo #ARCT kijejwe gucungera itumatumanako ry'amakuru catanguje kuri uyu wa kane uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro no kumenyesha ivyavuye mu nama yabereye i Dubai kubijanye n'imihora yo gutumatumanako amakuru. Umuyobozi mukuru w'ico kigo #Samuel_MUHIZI akamenyesha ko bene izo nama zirangizwa n'icegeranyo giterwako igikumu n'ibihugu biba vyitavye. Ivyo navyo ngo bikaba bifise akarusho mu bijanye no kurenganurwa mu gihe hari abakoresheje imihora y'Igihugu batabifitiye uruhusha.
Tumwumvirize.
Abadandaza aribo batangakori bakorera mw’isoko yo mu Kamenge , hano mu gisagara ca Bujumbura , boba bazi amateka n’amategeko abagenga mu bijanye no gutozwa amakori n’amatagisi .Igikorwa gisanzwe gikorwa n’ikigo OBR ,ku giti ca Republika y’Uburundi .Ni muriyo ntumbero ku munsi wa kabiri ,har’ejo , ikigo OBR cagendeye iryo soko aho cari kiramutsa kiremeshe ikiganiro carimwo igikino c’ibibazo mu guhiganwa kw’abari ngaho kugira tubone neza ko ayo mategeko abantu bayazi .Uwutoye ikibazo akaba yaca atahukana agashimwe .
Ikiganiro kiriko kiremeshwa na Philbert MUSOBOZI, umwe mu bakozi b’ubuyobozi bujejwe kumenyesha amakuru mu kigo OBR.
Igenekerezo rya 19 ruheshi ni umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi.Uwo musi aha mu Burundi ukaba wahimbajwe Ku civugo kivuga giti "Kwifatanya n'impunzi kugira haboneke inyishu". Mw'itangazo ryashikirijwe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 19 ruheshi na NDARUFATIYE Théophile ajejwe ivy'intwaro yo hagati n'iterambere rusangi mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n'umutekano ngo kuva uno musi mu Burundi ngo hari impunzi 81.831,ariko kandi kuva mu 2017 gushika uno musi Abarundi bashika 238.421 baramaze guhunguka bagaruka mu gihugu c'amavukiro.
Kuri uyu wa 13 ruheshi 2024 niho hasozerwa ihiganwa hayanisha gurisha y'imigambi y'ubushakashatsi n'ivyahinguwe mû vyavuye mû bushakashatsi. Iryo higanwa ryatunganijwe n'ubushikiranganji bw'indero n'ubushakashatsi ryabereye mû ntara ya Cibitoke ryahuje abashakashatsi n'abahinguzi bo mû karere k'uburengero kagizwe n'igisagara ça Bujumbura, intara za Bujumbura, Bubanza, na Cibitoke.Umuyobozi mukuru ajejwe ubumenyi, ubuhinga n'ubushakashatsi Nijimbere Claver akaba yarakeje abahiganywe anabahamagarira kubandanya bashakashaka,banahingura. Akabizeza ko Rata y'Uburundi izobandanya ibashigikira.
Tumwumvirize.
Ishirahamwe ryitaho ineza y'abana UNICEF ryashikirije kuri uyu wa kabiri Ubushikiranganji bw'indero n'ubushakashatsi, ibikoresho bitandukanye bizofasha amashure yakozweko n'ingaruka ziturutse kw'ihindagurika ry'ibihe . Umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi François HAVYARIMANA ari nawe yakiriye iyo ngabire amenyesha ko muri ivyo bikoresho harimwo ibitabo hamwe n'ibindi bizofasha mu kwubaka amasomero abanyeshure bazokwigiramwo. akavuga ko mu kwezi kw'icenda abanyeshure biga ku mashure yagize ivyago vy'imyuzurira bazokwiga neza .