Radio Nderagakura

Radio Nderagakura Compte officiel de la Radio Nderagakura

25/06/2024

Kuri uyu w'Imana muri Komine Buganda mu ntara ya Cibitoke hari haramutswe hatunganywa inkino zahuza umurwi wa SAIDO Ntibazonkiza hamwe n'umurwi wa Nyange youssuf mu ntumbero yo kwegeranya uburyo bwo gufashisha abahuye n'ivyago vy'imyuzurira mu gatumba.

Ido n'ido yurwo rukino na mugenzi wacu Willison KWIZERA.

25/06/2024

Kuri uyu wa gatandatu niho patiri avuka muri paroisse Munanira iri mu ntara ya Muramvya yahimbaza yubile y' imyaka 25 iheze yatiwe mw' ibanga ry' ubusaserdoti.

đź’’Mu misa yasomye imbere y' ivyo birori, akaba yarahanuye abasenga ko muvyo bakora batorondera gushimagizwa n' abantu ahubwo ngo bakwiye kwishimira gukora ivyo Imana ishaka, uwo musaserdoti yabasavye kandi kwitwararika kuremeshanya na cane cane kuremesha abari mu bibazo banasabire abo baba bihebeye Imana kugira bakomere kw' ibanga bahawe.

đź“ŚIcariho c' umwungere mukuru wa diyoseze ya Bujumbura, akaba n' imvukira ya paroisse , Musenyeri , akaba yarashimye ukwo patiri arangura ibanga yashinzwe, akaba yaramukeje kubera atatiriganye muri iyo myaka 25 amaze yatiwe.

25/06/2024

Inyuma y'umutaga wo kuri uyu wa mbere ,abakristu bo mwishengero rya beloved church barikumwe n'abandi bo muyandi mashengero bakiriye kukibuga c'indege Melchior NDADAYE Umuvugabutumwa Réverand Pasteur Jin Sung Won ava mu Gihugu ca Coréa y'epfo ,akaba yaje gukoresha ibikorane bizobera muntara ya Ngozi hamwe no mu Gisagara ca Bujumbura.Uwo muvugabutumwa avuga ko yizeye ko murico gikorane Imana izosuka umugisha wayo ku Gihugu c'Uburundi.

Inkuru ya Thérèse HABONIMANA

25/06/2024

CONFERENCE PUBLIQUE

24/06/2024

AMAKURU

24/06/2024

Impapuro abanyeshure bakoreyeko ikibazo co mu mwaka w'icenda gitanga uburenganzira bwo kubandanya igice c'amashure y'inyuma ya shure shingiro ngo zizoba zash*tse mu ntara z'indero guhera ku wa 3 igenekerezo rya 26 Ruheshi uyu mwaka. Bimenyeshwa n'umukuru w'umurwi w'igihugu ujejwe gutunganya ico kibazo Jeanine IHORIHOZE. Akamenyeshako bariko barakora uko bashoboye kugira abanyeshure bazoje mu biruhuko babonye amanota yabo.Umukuru w'umurwi w'igihugu ujejwe gutegura ico kibazo arashimira abayobozi b'indero mu ntara bafashije mu gutanga abakosora ico kibazo bafise akarangamutima k'umwuga, ivyatumye ata tunenge duhambaye twibonekeje .

Kur'uyu wa gatandatu niho patiri   avuka muri paroisse Munanira iri mu ntara ya Muramvya yahimbaza yubile y' imyaka 25 i...
23/06/2024

Kur'uyu wa gatandatu niho patiri avuka muri paroisse Munanira iri mu ntara ya Muramvya yahimbaza yubile y' imyaka 25 iheze yatiwe mw' ibanga ry' ubusaserdoti.

đź’’Mu misa yasomye imbere y' ivyo birori, akaba yarahanuye abasenga ko muvyo bakora batorondera gushimagizwa n' abantu ahubwo ngo bakwiye kwishimira gukora ivyo Imana ishaka, uwo musaserdoti yabasavye kandi kwitwararika kuremeshanya na cane cane kuremesha abari mu bibazo banasabire abo baba bihebeye Imana kugira bakomere kw' ibanga bahawe
đź“ŚIcariho c' umwungere mukuru wa diyoseze ya Bujumbura, akaba n' imvukira ya paroisse , Musenyeri , akaba yarashimye ukwo patiri arangura ibanga yashinzwe, akaba yaramukeje kubera atatiriganye muri iyo myaka 25 amaze yatiwe.

Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ahanura urwaruka gukunda Igihugu, gukora cane kugira biteze imbere bo...
22/06/2024

Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ahanura urwaruka gukunda Igihugu, gukora cane kugira biteze imbere bongere bateze imbere Igihugu bisunze imbonakazoza y'Igihugu. Hari mu nyigisho yahaye urwaruka kuri uyu musi ugira gatatu w'amasengesho yo gukengurukira Imana ku myaka ine iheze Umukuru w'Igihugu atanguye amabanga yo kurongora Uburundi. Yabahamagariye gukunda ibikorwa ha gusamazwa n'ababahendesha amahera.

22/06/2024

Imatela 204 ni yo ngabire ishirahamwe SINELAC rijejwe Ivyo guhingura n'ugutanga umuyagankuba mu bihugu vy'ibiyaga binini vy'Uburindi,Urwanda na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yatanzwe kw'ishure Lycée Gisenyi riri mu gisagara ca Bujumbura.Umuyobozi ajejwe ivy'ubuhinga muri SINELAC MANANGIRAKAMARO Désiré akamenyesha ko muri uyu mwaka hamaze gutangwa imatera 820 zifise agaciro k'imiliyoni 142 z'amafaranga y'amarundi ku mashure 4 afise indaro,ari yo Lycée Butara mu ntara ya Cibitoke, Lycée Bukinga mu ntara ya Bubanza,ETG Mutumba mu ntara ya Bujumbura n'iri Lycée Gisenyi. Abanyeshure ba Lycée Gisenyi,uwutwara iryo shure NIYONKURU Aisha n'umuyobozi w'indero mu gisagara ca Bujumbura NIBIGIRA Fidélité bose barashimira iryo shirahamwe SINELAC kuri iyo mfashanyo ryatanze.

22/06/2024

DUHANE IJAMBO

Kuva aho bukera, ibiciro vyo guhanahana amafranga biciye ku materefone ngendanwa bizoba vyadugijwe.Igisata   c'ishiraham...
21/06/2024

Kuva aho bukera, ibiciro vyo guhanahana amafranga biciye ku materefone ngendanwa bizoba vyadugijwe.

Igisata c'ishirahamwe kizoba cadugije ibiciro vy'uguhanahana amafranga biciye ku materefone ngendanwa kuva kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ruheshi 2024.

Tumwe mu turorero tw'uko bikazoba vyifashe:
-Igiciro c'ukurungika amafranga 100.000 cahora kuri 2.200fbu, ubu azoba ari 2.640bu ;
-Igiciro c'ukubikura amafranga 100.000 cahora ku mafranga 2.800, ubu akazoba angana n'amafranga 3.360.

Basomyi,iyi nkuru muyakiriye gute?

Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarongoye imigambwe kuja mu matora batekanye . Yabateye ...
21/06/2024

Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye ahamagarira abarongoye imigambwe kuja mu matora batekanye . Yabateye ako kamo mu nyigisho zahawe indongozi kuri uyu wa kabiri ku kibuga c'inkino c'i mu ntara ya , ahariko habera amasengesho yo gushimira Imana ku myaka ine iheze Umukuru w'Igihugu c'Uburundi atanguye amabanga yo kurongora Igihugu. Yasavye kandi indongozi guhindura ingendo bagakora bisunga ineza y'Igihugu n'abarundi.

21/06/2024

NKURUNZIZA CUP ,kw'igenekerezo rya 29/06/2024 igihe c'isaha icenda z'umuhingamo hagati ya Aigle noir vs Academie la Rambla .

''Abarundi borema bakareka kwidodomba iyo habaye ibigeragezo. Urugendo rugana ku Gihugu c'amata n'ubuki rwaratanguye. Ar...
21/06/2024

''Abarundi borema bakareka kwidodomba iyo habaye ibigeragezo. Urugendo rugana ku Gihugu c'amata n'ubuki rwaratanguye. Ariko muri urwo rugendo ntihabuzemwo intambamyi. Nimuze tugaragaze ukwizera, dukore kugira dushimire iterambere. Ntitwibagire ivyiza Imana yakoreye Uburundi n'abarundi. ''

Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe n'Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye ku kibuga c'inkino c'i Nyabihanga mu ntara ya mu masengesho yatunganijwe kuva kuri uyu wa kane mu ntumbero yo gushimira Imana ku myaka ine iheze Umukuru w'Igihugu c'Uburundi 🇧🇮 Evariste Ndayishimiye atanguye amabanga yo kurongora Igihugu.

Yaravuze ko hari imvo nyinshi zotuma abarundi bashimira Imana. Aha aratanga akarorero k'amahoro arangwa mu Gihugu, ubutunzi k**a, isi ndimwa kandi yimbuka, n'ibindi. Amenyesha ko ingorane Igihugu caciyemwo muri kahise zatumye Igihugu kidatera imbere. Uyu musi rero asaba abenegihugu kuja hamwe bagakura amaboko mu mpuzu kugira bakore bateza imbere Igihugu bisunze ya mbonakazoza aho mu 2040 Uburundi buzoba bwigaba bukigaburira, mu 2060 naho bukaba Igihugu giteye imbere.

21/06/2024

AMAKURU

21/06/2024
21/06/2024

PROGRAMME

21/06/2024

L'Université du Lac Tanganyika organise depuis ce jeudi le 20 Juin jusqu'au 25 juin 2024 une formation de l'école d'été baptisée KWIGA sur le "déploiement dans le cloud".Dans une conférence de presse de ce jeudi ,le Recteur de cette université Evariste NGAYIMPENDA a indiqué que l'objectif de cette formation est de détecter les talents qui peuvent faire des compétitions avec les autres des pays étrangers. Il interpelle la population Burundaise de se mobiliser davantage avec la TIC.

Les détails avec Thérèse HABONIMANA

Itegeko nshikiranganji rishiraho ivyisungwa kugira abanyeshure bunguruzwe, basibire canke bahabwe impapuro z'umutsindo r...
21/06/2024

Itegeko nshikiranganji rishiraho ivyisungwa kugira abanyeshure bunguruzwe, basibire canke bahabwe impapuro z'umutsindo ryaheruka gushirwa ahabona n'ubushikiranganji bw'indero n'ubushakashatsi ryahagaritswe mu mashure y'ubuhinga bitumwe n'uko bamwe mubo riraba bataritahuye neza.
Mw'ikete umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi François Havyarimana yandikiye kuri uyu wa gatanu abayobozi b'indero mu ntara, amenyesha ko iryo tegeko rizokoreshwa mu mwaka w'ishure w'2024-2025 habanje kuba igikorwa co kurisigurira neza.

21/06/2024
21/06/2024

Mu gihe kuri uyu wa 13 ruheshi 2024 hasozerwa mu ntara ya ihiganwa hayanishwa gurisha y'imigambi y'ubushakashatsi n'ivyahinguwe mu vyavuye mu bushakashatsi, uwurongoye ishirahamwe rihingura amazi ,Ir yarerekanye uko iryo shirahamwe rikora nintumbero ryihaye kugira rishobore gushiika kumbona kazoza.

Tumwumvirize.

21/06/2024

JOURNAL

Kuri uyu wa kane niho hatangura amasengesho yatunganijwe n'umuryango w'Umukuru w'Igihugu mu ntumbero yo gushimira Imana ...
20/06/2024

Kuri uyu wa kane niho hatangura amasengesho yatunganijwe n'umuryango w'Umukuru w'Igihugu mu ntumbero yo gushimira Imana ku myaka ine iheze Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye atanguye amabanga yo kurongora Uburundi.
Mu misa yabereye kuri paruwasi mu ntara ya , Musenyeri Bonaventure Nahimana yavuze ko iyo nkuka ya misa ariyo gusabira imigisha Umukuru w'Igihugu. Yavuze kandi ko ari akaryo ko gukengurukira Imana ku vyiza vyaranguwe, kuyisaba ikigongwe kubitagenze neza no kuyisaba gufasha indongozi z'Igihugu gush*tsa imigambi iteza imbere ukubaho neza kw'abenegihugu bose.
Mwomenya ko n'abandi bategetsi b'igihugu baje kwifatanya n'umuryango w'Umukuru w'Igihugu muri iyo nkuka ya misa. Aho twovuga nk'umukuru w'Inama Nshingamateka n'Umutambukanyi wiwe, Icegera c'Umukuru w'Igihugu,abagize urwego nshingwabikorwa rwa Reta y'Uburundi, umunyamabanga mukuru w'Umugambwe CNDD-FDD n'abandi

20/06/2024

Ikigo kijejwe gucungera itumatumanako ry'amakuru catanguje kuri uyu wa kane uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro no kumenyesha ivyavuye mu nama yabereye i Dubai kubijanye n'imihora yo gutumatumanako amakuru. Umuyobozi mukuru w'ico kigo akamenyesha ko bene izo nama zirangizwa n'icegeranyo giterwako igikumu n'ibihugu biba vyitavye. Ivyo navyo ngo bikaba bifise akarusho mu bijanye no kurenganurwa mu gihe hari abakoresheje imihora y'Igihugu batabifitiye uruhusha.

Tumwumvirize.

20/06/2024

Abadandaza aribo batangakori bakorera mw’isoko yo mu Kamenge , hano mu gisagara ca Bujumbura , boba bazi amateka n’amategeko abagenga mu bijanye no gutozwa amakori n’amatagisi .Igikorwa gisanzwe gikorwa n’ikigo OBR ,ku giti ca Republika y’Uburundi .Ni muriyo ntumbero ku munsi wa kabiri ,har’ejo , ikigo OBR cagendeye iryo soko aho cari kiramutsa kiremeshe ikiganiro carimwo igikino c’ibibazo mu guhiganwa kw’abari ngaho kugira tubone neza ko ayo mategeko abantu bayazi .Uwutoye ikibazo akaba yaca atahukana agashimwe .
Ikiganiro kiriko kiremeshwa na Philbert MUSOBOZI, umwe mu bakozi b’ubuyobozi bujejwe kumenyesha amakuru mu kigo OBR.

19/06/2024

Igenekerezo rya 19 ruheshi ni umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi.Uwo musi aha mu Burundi ukaba wahimbajwe Ku civugo kivuga giti "Kwifatanya n'impunzi kugira haboneke inyishu". Mw'itangazo ryashikirijwe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 19 ruheshi na NDARUFATIYE Théophile ajejwe ivy'intwaro yo hagati n'iterambere rusangi mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n'umutekano ngo kuva uno musi mu Burundi ngo hari impunzi 81.831,ariko kandi kuva mu 2017 gushika uno musi Abarundi bashika 238.421 baramaze guhunguka bagaruka mu gihugu c'amavukiro.

19/06/2024

Kuri uyu wa 13 ruheshi 2024 niho hasozerwa ihiganwa hayanisha gurisha y'imigambi y'ubushakashatsi n'ivyahinguwe mû vyavuye mû bushakashatsi. Iryo higanwa ryatunganijwe n'ubushikiranganji bw'indero n'ubushakashatsi ryabereye mû ntara ya Cibitoke ryahuje abashakashatsi n'abahinguzi bo mû karere k'uburengero kagizwe n'igisagara ça Bujumbura, intara za Bujumbura, Bubanza, na Cibitoke.Umuyobozi mukuru ajejwe ubumenyi, ubuhinga n'ubushakashatsi Nijimbere Claver akaba yarakeje abahiganywe anabahamagarira kubandanya bashakashaka,banahingura. Akabizeza ko Rata y'Uburundi izobandanya ibashigikira.

Tumwumvirize.

🛑Ishengero rya   mu   ririteguye kuzana intererano yaryo kugira ngo imbonakazoza yashizwe imbere n'Umukuru w'Igihugu ish...
19/06/2024

🛑Ishengero rya mu ririteguye kuzana intererano yaryo kugira ngo imbonakazoza yashizwe imbere n'Umukuru w'Igihugu ishobore gushikwako.🛑

đź“ŚMartin Blaise Nyaboho inararibonye mu nama y'abungere mw'ishengero rya Anglicane mu Burundi akaba n'umwungere w'iryo shengero mu ntara ya yabishikirije inyuma y'umubonano bahawe n'Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa kabiri ku kirimba i

đź“ŚUwo mwungere amenyesha ko bazofasha mu bijanye no gusigurira abenegihugu iyo mbonakazoza n'ingene boyishira mu ngiro, mu bijanye n'igisata c'indero, amagara y'abantu n'ibindi.

Ishirahamwe riharanira agateka k'abana UNICEF Burundi ryashikirije kuri uyu wa kabiri ubushikiranganji bw'indero n'ubush...
18/06/2024

Ishirahamwe riharanira agateka k'abana UNICEF Burundi ryashikirije kuri uyu wa kabiri ubushikiranganji bw'indero n'ubushakashatsi ingabire igizwe n'ibikoresho vy'ishure hamwe n'ivyo kwubaka bigizwe n'amabati, amahema n'imisumari bizofasha ku mashure yakozweko n'ingaruka ziturutse kw'ihindagurika ry'ibihe nk'imyuzurira y'amazi.
Umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi , yakiriye iyo ngabire, amenyesha ko izotuma kuva mu kwezi kw'icenda abanyeshure b**a kuri ayo mashure yahuye n'imyuzirira y'amazi b**a neza.
Agashimira ishirahamwe UNICEF ku kungene ryama rishigikira ubushikiranganji bw'indero n'ubushakashatsi.
Uwuserukira ishirahamwe UNICEF mu Burundi akaba yamenyesheje ko iryo shirahamwe rizokwama rishigikira ubushikiranganji bw'indero n'ubushakashatsi kuko ngo kuribo indero ni umushinge w'iterambere.

Address

Bujumbura
00257

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio Nderagakura posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Radio Nderagakura:

Videos

Share

Category



You may also like