Kazoza FM

Kazoza FM Ijwi ryo kugwiza umwimbu

Be your own boss

103.3 MHz, 105.4 MHz
(2)

🛑 Umugwi ujejwe gutunganya amatora   warukwiye kugenzura indirimbo z'imigambwe imwe imwe zibiba urwanko....................
17/01/2025

🛑 Umugwi ujejwe gutunganya amatora warukwiye kugenzura indirimbo z'imigambwe imwe imwe zibiba urwanko....................

🗣️ Uwurongoye Ishirahamwe Vianney Ndayisaba yasavye umugwi ujejwe gutunganya amatora ko yokurikirana indirimbo z'imigambwe imwimwe zibiba ugwanko muri kino kiringo Uburundi buriko bwitegurira amatora yo mu 2025 hari mu kiganiro uwo mugwi watunganije n'abamenyeshamakuru

🫴 Yongeye arasaba ko umuntu vyoshika agahohotegwa canke agapfungwa kubera ari mu mugambwe kanaka ko umugwi CENI ko woshiraho igisata kijejwe kubaburanira ngo narirya kuja mu mugambwe ari uburenganzira bwa zina muntu.

17/01/2025

⏳⚽ Erling Haaland yiyongeye iyindi myaka 9 n'igice akinira umugwi wa Manchester City mu bwongereza, gushika 2034 ! 👀

🤷‍♂️ Bivuze iki mu rugendo rw'umupira w'amaguru kuri uwo mukinyi wo muri

17/01/2025

👨‍🏫 Kuri uno munsi tugaruke dusozera iciswe amatazirano abadagi baha abantu bivanye nico bakora kandi bivanye nuko ari umusore, umukobwa canke umupfasoni '' Berufesbezeichnungen ''

🛑 Uburundi ntibwakuwe mu rutonde rw'ibihugu bishigikira amahoro n'umutekano mu gihugu ca  .................................
17/01/2025

🛑 Uburundi ntibwakuwe mu rutonde rw'ibihugu bishigikira amahoro n'umutekano mu gihugu ca ......................................

🎙️ Nk'uko bishikirizwa n'umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi Général de brigade Baratuza Gaspard mu Kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru kur'uyu wa Kane igenekerezo rya 16 Nzero i .

🗣️ Agira ati : "Ishirahamwe ry'ubumwe bw'afrika ntibwakuye Uburundi mu rutonde rw'ibihugu bishigikira amahoro n'umutekano mu gihugu ca Somalia , n'uko habaye ukudahurizako ku bitigiri vy'intwazangabo z'uburundi zorungikwa.

👮‍♂️ Akaba yongeye kumenyesha ko ku ruhande rw'Uburundi basaba ko horungikwa ibataillon zibiri hamwe na unités zibiri zabakorera mu kirere atar'uko intwazangabo z'uburundi ntizizojayo.

📍 Nkuko twama tubashikiriza uko ibiciro vy'ibifungugwa vyifashe buri munsi wa gatanu, ng'uku uko twabisanze mw'isoko ya ...
17/01/2025

📍 Nkuko twama tubashikiriza uko ibiciro vy'ibifungugwa vyifashe buri munsi wa gatanu, ng'uku uko twabisanze mw'isoko ya kuri uyu wa 17/01/2025
-----------------------------------------------------

1. Ibiharage:
- Kirundo: 3.000fbu/kg, 3.500fbu/kg,
- Kinure: 4.000fbu/kg
- ibi jaune: 5.500fbu/kg
- Bitoto: 5.000fbu/kg
- Pakirafuso: 5.500fbu/kg
- isoda: 4.000fbu/kg

2.Umuceri:
- Tanzania wa mbere:7500fbu/kg
- Tanzania wa kabiri: 6000fbu/kg
_ Uwubayabaye:4500fbu/kg

3.Intete z'ibigori: hagati ya 3000Fbu na 3.200Fbu/kg

4.-Ifu y'ibigori:3000fbu-3200fbu/kg

-Kawunga: 4.800fbu/kg

5.-Ubushaza butoto: 5.500fbu/kg
-Ubushaza bwumye: 14.000fb/kg

6.Ikaroti:2000fbu/kg

7.Ibiraya:2.000fbu/kg

8.Umunyu: 3.000fbu/kg

9.-Amavuta y'amamesa:10.000fbu/1,5l

-Amavuta y'amakoto: 22.000fbu/1,5l

10.Itomati: 3.000fbu/kg

11.Inyama:_Cangacanga:32.000fbu/kg
_Umusoso:35.000fbu/kg.

12.Indagara : 100.000fbu/kg

13.Ibitunguru bitukura: 3000fbu/kg

14.Ibitunguru vyera: 2500fbu/kg

❓🤔 Musomyi, wewe aho uherereye ibiciro vy'ibifungurwa vyifashe gute?

17/01/2025

Est il possible d’entreprendre dans le domaine de l’humour ?

“Transformer des blagues en business📈, rire en revenu💳, et bâtir une carrière solide sans perdre son sens de l’humour c’...
16/01/2025

“Transformer des blagues en business📈, rire en revenu💳, et bâtir une carrière solide sans perdre son sens de l’humour c’est pas une mince affaire😏

Après l’humour, c’est aussi du sérieux ! 😂🚀"

16/01/2025

⏳⚽ Real Madrid inyuma yo gutsindwa bikomeye na muri , uyu munsi bafise igikorwa kitoroshe imbere ya mukindi gikombe. Twitege iki ku bakinyi ba Carlo Ancelotti ?

💯 yaraye ikoze akazi kadasanzwe muri y'amaja ruguru ya Vs . N'igiki twosigarana muri urwo rukino ?

🛑 Urwego rwo kwivuna abansi rw'Uburundi rurabeshuza inkuru z'ibinyoma zimaze iminsi zica ku mbuga ngurukanabumenyi zifis...
16/01/2025

🛑 Urwego rwo kwivuna abansi rw'Uburundi rurabeshuza inkuru z'ibinyoma zimaze iminsi zica ku mbuga ngurukanabumenyi zifise intumbero yo gucafuza igisirikare c'Uburundi carungitswe kugarukana amahoro n'umutekano mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira Demokarasi ya Congo.
--------------------------------------------

🎙️ Mu kiganiro umuvugizi w'urwego wo kwivuna abansi rw'Uburundi Gén-Bde Gaspard BARATUZA yagiranye n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa 16 Nzero 2025, yamenyesheje ko ibiharuro bitangwa n'umuhari M23 bivuga ko abasirikare b'abarundi barenga 400 boba barishwe atarivyo na gato! Avuga ati:"Ivyo vyerekana ko uyo muhari vyawutaye kuw'amazi." Yongeye ati:"Igisirikare c'uburundi carungitswe muri Congo gihagaze neza kandi kirarangura imirimo neza gikoresheje ubuhinga n'ubumenyi cahawe."

👤 Gaspard BARATUZA, yamenyesheje kandi ko n'abanyagihugu bo mu gihugu ca Congo bashinga intahe ko mu burere bwose igisirikare c'Uburundi carungitswemwo amahoro n'umutekano ari rya nawe!

🙅🏽‍♂️ Yaboneyeho akaryo ko kwiyamiriza abihaye ubuhizi mu gukwiragiza inkuru z'ibinyoma zicafuza ingabo z'uburundi ziri gufasha kugarukana amahoro n'umutekano mu gihugu kibanyi ca Congo.

❓ Musomyi, ibi vyashikirijwe ubivuzeko iki?

🛑 Mu gihe haheze imisi itari mike hibonekeza ubukene bw'isukari ya  , bamwe mu benegihugu bo mu gisagara ca   baridoga k...
15/01/2025

🛑 Mu gihe haheze imisi itari mike hibonekeza ubukene bw'isukari ya , bamwe mu benegihugu bo mu gisagara ca baridoga ko batorohewe kubera ibura ry'iyo sukari.

🎤 Abaganiriye n'insamirizi Kazoza Fm bamenyesha ko iyo bish*tse isukari ya Sosumo ikaboneka bayigura ku giciro ca shinzwe na Reta. Ariko baranegura abadandaza bamwe bamwe bikika mu kiza bakayigurisha ku giciro kitazwi na Reta.

🫴 Kubera ubukene bw'isukari n'izimba ryayo, umwenegihugu umwe yagize ati :" kugura isukari dusa na babihevye kubera izimvye kandi itakiboneka cane, ubu nahisemwo kuza ndagura iyo ku kiyiko kandi dufise impungenge kw'amagara y'ibibondo vyacu ashobora kutamera neza kubera kubera isukari"

🙏 Abo benegihugu bongera gusaba ihinguriro Sosumo ko ryotorera umuti ikibazo c'ubukene bw'isukari kugira boroherwe.

15/01/2025

⏳⚽ Ronald Araujo agiye kwongereza amasezerano muri inyuma y'amakuru yariko amurungika muba . Yoba ari kubera imvune ya Íñigo Martínez, canke ?

🤔 ntiratsindira kuri muri kuva 2010. Uyu munsi twitege iki ?

⚠️ Hamaze iminsi hibonekeza ubusuma n'ama moto atagira imparati hagati mu gisagara ca  .🗣️ Nkuko twavyiganiwe numwe yibw...
15/01/2025

⚠️ Hamaze iminsi hibonekeza ubusuma n'ama moto atagira imparati hagati mu gisagara ca .

🗣️ Nkuko twavyiganiwe numwe yibwe, ngo hari umunsi wo kuwambere igenekerezo rya 13 Nzero 2025 isaha 18h 45 avuye kukazi hamwe nabo bakorana ageze hafi y'ibanki CRDB abona i moto itagira imparati ije imugana agerageza kuyikwepa azayumva ariko ababara kurutoke niho yabona ko ahejeje kwibwa isakoshi yarafise mu ntoke.Abo barikumwe baragerageje kwiruka inyuma yabo basuma bari ku moto ariko ntibashoboye kubafata. Ivyo vyose vyabaye abantu barorera, eka mbere n'inyamiramabi zirorera ngo kandi ntanakimwe zashoboye gukora.

🙏 Uwo yibwe eka mbere n'abagenzi be barikumwe bagasaba abajejwe uruja nuruza mu mabarabara kuba magabo eka mbere no gufata bagahana abo basuma.

🫴 Musomyi hari ibisa nkivyo vyoba vyaragushikiye?

15/01/2025

🎯Twumvirize amateka ya Nahimana Jackson (67 622 510) umuvugabutumwa yasizwe amavuta naho asanzwe agendana ubumuga bwo kutabona.

14/01/2025

🛑 Igituma abakora umudiho wa tudakunze kubabona batumiwe mu biteramo bitandukanye

14/01/2025

Nadège Butoyi, une cinéaste burundaise passionnée🎬, nous raconte son parcours entre engagements sociaux et quête créative🎥, façonnant son art au fil des expériences et des rencontres.✨

14/01/2025

⚽🇧🇮 SANGWA Patrick igituma atatoye ku gashimwe ka "FIFA The Best", yarabitubwiye kuri Kazoza FM

🎙️Tumwumvirize mu kiganiro Inturire Sports co kuri uyu wa gatanu 10/01/2025

14/01/2025

🧑‍🎤Abaririmvyi bari bakwiye kwiga ingene bokorana n'abanyamitahe, kandi bakagira n'ubushakashatsi mu bijanye na y'umuziki

14/01/2025

⏳⚽ Real Madrid ntitegekanya gusezerera Carlo Ancelotti uyu mwaka w'inkino i ruhande y'ivyo ibinyamakuru bitandukanye bimwandikako

🤷‍♂️ Twitege iki kuri Liverpool, Man City, Chelsea ku gikombe ca Premier League babandanya gukinira uyu munsi ?

Address

Bujumbura

Telephone

+25772232323

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Kazoza FM posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Kazoza FM:

Videos

Share

Category