Bonesha FM

Bonesha FM Bonesha FM (traduction : « Eclairer »), est une station radio privée du Burundi, née le 19 Févr

  Mondiale 2026Umugwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba uhejeje kuronka amanota 3 yabo yambere mu nkino zo kurondera it...
16/11/2023

Mondiale 2026

Umugwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba uhejeje kuronka amanota 3 yabo yambere mu nkino zo kurondera itike yo kwitabira Igikombe c'isi yose kizoba mu mwaka wa 2026.
Uburundi butsinze Gambia mu rukino rwambere Ku Kibuga Benjamin Mkapa Stadium ibitsindo 3-2.
FT: Burundi 3-2 Gambie

Tubibutse ko mu rukino rugira kabiri mu mpera z'iyi ndwi Uburundi buzoca buhura n'igihugu ca Gabon kuri ico kibuga nyene.Inyuma y'intsinzi imbere ya Gambie twitege iki mu rukino rukurikira hagati y'Uburundi na Gabon ??

FM
Sports

https://www.facebook.com/100034179086174/posts/1047101083105851/?app=fbl
14/11/2023

https://www.facebook.com/100034179086174/posts/1047101083105851/?app=fbl

✝️Inkuru y'umubabaro

Umuryango wa Radio Bonesha fm uri n'umubabaro mwinshi wo kubamenyesha urupfu rw'umuyobozi w'iyo Radio Egide Ndayisenga.

Egide Ndayisenga yitavye Imana kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 ukwezi kwa cumi na rimwe umwaka wa 2023 ahitanywe n'ingwara mu bitaro Maison médicale aho yararwariye kuva kuri uyu wa 6.

Umuryango wa Radio Bonesha fm ukaba uhojeje umuryango wa Egide Ndayisenga n'umuryango w'a bamenyeshamakuru bose.

Imana imwakire mu bwami bwayo🙏🏾

11/11/2023

INKURU Y' IMVAHO YU WA 11.11.2023

  Mondiale 2026Mu gihe hasigaye imisi mike,ngo Intamba mu Rugamba zakire the Gambia mu rukino rwambere mu nkino zo kuron...
10/11/2023

Mondiale 2026

Mu gihe hasigaye imisi mike,ngo Intamba mu Rugamba zakire the Gambia mu rukino rwambere mu nkino zo kurondera itike yo kwitabira igikombe c'isi yose mu mwaka wa 2026,intamba mu Rugamba zirabanndanya imyimenyerezo Ku kibuga Centre Technique Nationale mu Ngagala aho mu myimyerezo yo kur'uyu wa gatanu yitabitiriwe n'abakinyi bamwe bamaze gushika harimwo Ndayishimiye Youssouf Nyange akinira OGC Nice mu Bufarasa hamwe n'abandi.

Urukino rwambere Uburundi bukazokina n'igihugu ca Gambia kw'igenekerezo rya 16 nayo urukino rugira kabiri Uburundi bukazokina n'igihugu ca Gabon kw'igenekerezo rya 20 kuno kwezi turimwo Ku kibuga Benjamin Mkapa Stadium.

FM
Sports

10/11/2023

MEGA SPORT DU 10.11.2023

09/11/2023

MUBIVUZEKO IKI YO KUWA 09.11.2023

09/11/2023

MUBIVUZEKO IKI? YO KUWA 09.11.2023

Real Madrid ivyo gusinyisha Kylian Mbappé ngo yoba yabivuyemwo burundu mugihe uwo mukinyi yanse kwongereza amasezerano m...
09/11/2023

Real Madrid ivyo gusinyisha Kylian Mbappé ngo yoba yabivuyemwo burundu mugihe uwo mukinyi yanse kwongereza amasezerano muri Paris Saint Germain.
Tubibutse ko uwo mukinyi amasezerano muri Paris Saint Germain azorangira mu kwezi kwa gatandatu 2024.Twitege ko Mbappé azokwivuguruza akwongereza amasezerano muri PSG cane azoronderera ahandi !?
Ico mwomenya nuko Kylian Mbappé ariko araronderwa n'imigwi itandukanye yo mu gihugu c'Ubwongereza

Inkomoko y'inkuru :

Wibuke gufyonda Suivre (Follow) Kuri page unagire Partage kugira ubandanye uronka amakuru mashasha

  Champions LeagueUku niko inkino zaraye zigenze muri UEFA Champions League muri rino joro Ku musi ugira Kane w'ihiganwa...
08/11/2023

Champions League

Uku niko inkino zaraye zigenze muri UEFA Champions League muri rino joro Ku musi ugira Kane w'ihiganwa. Tubibutse ko Kur'uno wa gatatu inkino zirabandanya.

Inkino zaraye zibaye wazibonye gute? Twitege iki mu nkino z'uno musi??

FM
des Champions

08/11/2023

TRIBUNE BONSHA DU 08.11.2023

08/11/2023

MUBIVUZEKO IKI YUWA 08.11.2023

07/11/2023

Mondial 2024

Mu gatondo ko Kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Munyonyo 2023, umugwi nserukiragihugu w'Uburundi Intamba mu Rugamba w'abigeme batarenza imyaka 20 bafashe urugendo rubashikana mu gihugu ca R D Congo.Intamba mu Rugamba bagiye gukina n'umugwi nserukiragihugu w'ico gihugu ruzoba ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11 Munyonyo 2023 mu kurondera itike yo kwitabira igikombe c'isi yose mu mwaka wa 2024 mu rukino rw'ibanze ( match aller).

R D Congo vs Burundi

Tubibutse ko Intamba mu Rugamba mu rukino rwambere zari zasereye igihugu ca Afrika y'Epfo.

Inyuma yo gusezerera Afrika y'Epfo,twitege iki kuri bano bigeme?

FM
Sports
mu Rugamba

 Mu mpera z'iyi ndwi mu mupira w'amaboko Volleyball bariko barakina inkino zo kwugurura umwaka w'inkino wa 2023-2024 mw'...
06/11/2023



Mu mpera z'iyi ndwi mu mupira w'amaboko Volleyball bariko barakina inkino zo kwugurura umwaka w'inkino wa 2023-2024 mw'ishirahamwe ry'urukino rwa Volley-ball mu gisagara ca Bujumbura ( Tournoi d'ouverture du Championnat de l'AVAB)

Uko inkino zagenze kuva mu nkino zo gukurakuranamwo n'izigice ca kabiri gishira icanyuma Ku musi wa gatandatu:

Mu bagabo muri Groupe A:

Gacosmos yatsinze BUN ama Sets 3-1
Rukinzo yatsinze BUN ama Sets 3-0
Rukinzo yatsinze Gacosmos ama sets 3-0

Muri Groupe B:
Bisoro yatsinze Muzinga ama Sets 3-2
ASB yatsinze Bisoro ama Sets 3-1
Muzinga yatsinze ASB ama Sets 3-1

Demi Finale
Mu bagabo :

Rukinzo yatsinze ASB ama Sets 3-0
Gacosmos yatsinze Muzinga ama Sets 3-0

Mu bapfasoni
Muri Groupe A:

Muzinga yatsinze PTT ama Sets 3-0
Muzinga yatsinze EGIA ama Sets 3-0
PTT yatsinze EGIA ama Sets 3-1

Muri Groupe B:
Les AS yatsinze Estetica ama Sets 3-0
GLC yatsinze Les AS ama Sets 3-2
Estetica yatsinze GLC ama Sets 3-0

Demi Finale:
Les AS yatsinze PTT ama Sets 3-0
Muzinga yatsinze Estetica ama Sets 3-1
Final
Mu bagabo:
Rukinzo yatsinze Gacosmos ama Sets 3-0

Mu bapfasoni:

Muzinga yatsinze Les AS ama Sets 3-1

FM
Sports
Burundaise de Volleyball

05/11/2023

TRIBUNE BONESHA DU 05.11.2023

04/11/2023

INKURU YIMVAHO YO KUWA 04.11.2023

03/11/2023

CROIX ROUGE DU 03.11.2023

 Inyuma yo kuva mu gikombe citiriwe incungu (Coupe des Héros),abakunzi b'urukino rw'amaboko Volleyball mu mpera z'ino nd...
03/11/2023



Inyuma yo kuva mu gikombe citiriwe incungu (Coupe des Héros),abakunzi b'urukino rw'amaboko Volleyball mu mpera z'ino ndwi inkino zizobandiriza mw'ihiganwa ryo kwugurura umwaka w'inkino wa 2023-2024 mu gisagara ca Bujumbura (Tournoi d'ouverture du Championnat de l'AVAB 2023-2024).

Uku niko inkino zitegekanijwe:
Kur'uyu wa gatandatu igenekerezo rya 04 Munyonyo,mu bagabo Ku kibuga ca Parquet 1 (Poul A):

Bun vs Gacosmos (9h00)
Rukinzo vs Bun (10h00)
Gacosmos vs Rukinzo (12h00)

Ku kibuga ca Parquet 2 (Poul B):

Bisoro vs Muzinga (9h00)
ASB vs Bisoro (10h00)
Muzinga vs ASB (12h00)

Inyuma y'izo nkino imigwi yabandanije ikazoca ikina inkino z'igice ca kabiri gishira icanyuma (1/2 final)

Ku ruhande rw'abapfasoni,Ku kibuga ca Toyota,kuri Toyota I (Poul A):

EGIA vs PTT (9h00)
Muzinga vs EGIA (10h00)
PTT vs Muzinga (12h00)

Ku kibuga ca Toyota II (Poul B):

Les As vs Estetica (9h00)
GLC vs Les As (10h00)
Estetica vs GLC (12h00)

Inyuma y'izo nkino imigwi yabandanije ikazoca ikina inkino z'igice ca kabiri gishira icanyuma (1/2 Final)

FM
Sports
Burundaise de Volleyball

  Ligue Mu mpera z'iyi ndwi ihiganwa rya Primus Ligue Burundi rizobandanya Ku musi waryo ugira 12 .Uku niko inkino ziteg...
03/11/2023

Ligue

Mu mpera z'iyi ndwi ihiganwa rya Primus Ligue Burundi rizobandanya Ku musi waryo ugira 12 .
Uku niko inkino zitegekanijwe kuva kur'uyu wa gatandatu :

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 04 Munyonyo :
Magara Young Boys vs Rukinzo(Stade Urunani :13h00)
Amasipiri vs Kayanza United (Stade Urunani:15h30')
Musongati vs Vital'O FC (Stade Ingoma:15h00)
Tigre Noir vs Moso Sugar (Stade Urumuri :15h00)

Ku musi w'Imana igenekerezo rya 05 Munyonyo:

BS Dynamique vs Tel Aviv (Stade Urunani:13h00)
Bumamuru vs Olympic Star (Stade Urunani:15h30)
Flambeau du Centre vs Inter Star (Stade Ingoma :15h00)
Aigle Noir vs Le Messager Ngozi (Stade NPPC :15h00)

Ni uruhe rukino ubona rufise uburemere gusumba izindi kuri ino ndwi ya 12??

Fyonda suivre(Follow) kuri page unagire Partage kugira ubandanye uronka amakuru mashasha.

FM
Sports

02/11/2023

AKIWACU YO KUWA 02.11.2023

02/11/2023

MUBIVUZEKO IKI YUWA 02.11.2023

02/11/2023

HAR'UKUNTU YO KUWA 02.11.2023

01/11/2023

TRIBUNE BONESHA DU 1.11.2023

  Mondiale 2023Kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 31 Gitugutu, Etienne Ndayiragije umumenyereza mukuru w'Intamba mu Rugam...
01/11/2023

Mondiale 2023

Kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 31 Gitugutu, Etienne Ndayiragije umumenyereza mukuru w'Intamba mu Rugamba yashize ahabona urutonde rw'abakinyi 27 yahamagaye mukwitegurira Inkino zibiri Uburundi bwimirije guhura n'igihugu ca Gambia hamwe na Gabon mukurondera uburenganzira bwo kwitabira igikombe c'isi yose ca 2026.

Nk'umukunzi w'Intamba mu Rugamba urutonde wagwakiriye gute ? Ninde ubona yajemwo atabikwiye canke ninde yibagiwe guhamagarwa muri runo rutonde ?

Tubibutse ko urukino rwambere ruzoba kw'igenekerezo rya 16 Munyonyo (Burundi vs Gambia),nayo urukino rugira kabiri rukazoba kw'igenekerezo rya 19 Munyonyo (Burundi vs Gabon).

Wibuke gufyonda Suivre (Follow) kuri page unagire Partage kugira ubandanye uronka amakuru mashasha.

📷:FFB🙏

FM
Sports
mu Rugamba

  d'OrOfficiel:Lionel Messi niwe yatahukanye umupira w'inzahabu utangwa n'ikinyamakuru France Footbal co mu Bufarasa nk'...
31/10/2023

d'Or

Officiel:Lionel Messi niwe yatahukanye umupira w'inzahabu utangwa n'ikinyamakuru France Footbal co mu Bufarasa nk'umukinyi yasumbije abandi bose muri uno mwaka .Lionel aronkejwe umupira w'inzahabu ugira 8 asumbije Kylian Mbappé akinira Paris Saint Germain na Erling Halland akinira Manchester City bariko barahiganwa.

Lionel Messi guhabwa Ballon d'or y'uno mwaka murabihurizako na France Football nk' umukinyi mwiza w'uno mwaka?

Ntiwibagire gufyonda Suivre (Follow) ukore na partage kugira ukomeze kubana natwe.

FM
Sports
d'Or

  des Héros VolleyballUmugwi wa Rukinzo Ku ruhande rw'abagabo na GLC ku ruhande rw'abapfasoni niyo yatahukanye ibikombe ...
30/10/2023

des Héros Volleyball

Umugwi wa Rukinzo Ku ruhande rw'abagabo na GLC ku ruhande rw'abapfasoni niyo yatahukanye ibikombe mw'ihiganwa ry'igikombe citiriwe incungu (Coupe des Héros),nayo Bisoro VB mu bagabo na Estetica mu bapfasoni itahukana ibibanza vya gatatu (3è place) mu nkino zanyuma z'umupira w'amaboko Volleyball zabaye Kur'uyu w'Imana igenekerezo rya 29 Gitugutu Ku kibuga ca Parquet.Mu bapfasoni GLC yatsinze Muzinga ama Sets atatu kuri imwe (3-1 sets), nayo urukino rwari rubereye ijisho Ku ruhande rw'abagabo Rukinzo yatsinze Gacosmos ama sets atatu ku busa (3-0 Sets) urukino rwabonetsemwo ukwitanga n'ubuhinga budasanzwe Ku migwi yose. Tubibutse ko mu nkino zo gukurakuranamwo iyo migwi yari yahuye Gacosmos itsinda Rukinzo bigoranye.

FM
Sports
Burundaise de Volleyball

  des Héros 🏀Kuri Uno w'Imana igenekerezo rya 29 Gitugutu 2023,Ku kibuga ca Département des Sports niho hari harindirany...
30/10/2023

des Héros 🏀

Kuri Uno w'Imana igenekerezo rya 29 Gitugutu 2023,Ku kibuga ca Département des Sports niho hari harindiranywe igishika urukino rwanyuma( Final) mw'ihiganwa ry'igikombe citiriwe incungu z'Uburundi ( Coupe des Héros) hagati ya Dynamo BBC n'Urunani BBC imigwi 2 isanzwe ikebana muri Basketball kuva kera aho rwarangiye umugwi wa Dynamo utahukanye itsinzi Ku manota 52 kuri 45 y'Urunani.

FT: Dyanamo BBC 52-45 Urunani BBC

Ni urukino rwari rwitabiriwe n'abakunzi ba basketball isinzi rwagaragayemwo ubuhinga Ku migwi yose ariko birangira Umugwi wa Dyanamo utahukanye ico gikombe.Tubibutse ko Dynamo yaheruka muri Tanzaniya mu nkino za Road to Ball zihuza imigwi yatwaye ibikombe mu mahiganwa iwabo.
Umugwi wabaye uwambere Dynamo waciye utahukana igikombe c'iryo higanwa, Umugwi wa 2 Urunani uronka imiriyoni zitanu (5.000.000Fbu), umugwi wa gatatu Remesha imiriyino zitatu (3.000.000Fbu) nayo Tigers ya Kane itahukana imiriyoni zibiri (2.000.000 Fbu).

Mw'ijambo ryiwe Uwusanzwe arongoye ishirahamwe Fondation Pax Burundi risanzwe ritunganya izi nkino,yamenyesheje ko bagiye kwongereza uburyo aho umugwi wabaye uwambere uzohabwa imiriyoni cumi (10.000.000Fbu) mu gihe wahora uronka imiriyoni 7.500.000Fbu.

Fyonda suivre (Follow) kuri page unagire Partage kugira ubandanye uronka amakuru.

FM
Sports
des Héros

  LigueIhiganwa rya Primus Ligue ryabandanije mu mpera z'iyi ndwi Ku musi waryo ugira 11 Ku bibuga bitandukanye aho habo...
30/10/2023

Ligue

Ihiganwa rya Primus Ligue ryabandanije mu mpera z'iyi ndwi Ku musi waryo ugira 11 Ku bibuga bitandukanye aho habonetse ukunganya mu nkino 6 muri 8 zakinywe.Uku niko inkino zose zagenze Ku bibuga bitandukanye:

Rukinzo 1-2 Aigle Noir
Inter Star 0-1 Amasipiri
Tel Aviv 0-0 Tigre Noir Musongati 1-1 Bumamuru
Vital'O 0-0 Flambeau du Centre
Kayanza United 0-0 BS Dynamique
Mosso Sugar 1-1 Magara Young Boys
Messager Ngozi 0-0 Olympic

Uko imigwi isumbanya ibibanza

1.Vital'O FC: Amanota 25
2.Aigle Noir: Amanota 22
3.Flambeau du Centre: Amanota 22
4.Le Messager Ngozi :Amanota 19
5.Rukinzo :Amanota 19
6.Musongati: amanota 18
7.Inter Star: amanota 14
8.Bumamuru: amanota 13
9.Kayanza United: amanota 13
10.BS Dynamique: amanota 13
11.Olympic Star: amanota 12
12.Amasipiri: amanota 11
13.Tigre Noir: amanota 10
14.Moso Sugar: amanota 8
15.Tel Aviv:amanota 5
16.Magara Young Boys 1

Umugwi wawe ubona uhagaze gute gushika Ku ndwi ya 11 naho harimwo imigwi ifise Inkino zibirarane?

Fyonda suivre (Follow) kuri page unagire Partage kugira ubandanye uronka amakuru mashasha.

FM
Sports
Ligue

  d'Or Kur'uyu wambere igenekerezo rya30 Gitugutu mu gisagara c'i Paris mu gihugu c'Ubufarasa mu masaha yo mw'ijoro,hara...
29/10/2023

d'Or

Kur'uyu wambere igenekerezo rya30 Gitugutu mu gisagara c'i Paris mu gihugu c'Ubufarasa mu masaha yo mw'ijoro,harategekanijwe ibirori vyo gutanga umupira w'inzahabu (Ballon d'or),agashimwe gatangwa n'ikinyamakuru France Football.Abakinyi 3 Erling Halland akinira Manchester City, Lionel André Messi akinira Inter Miami na Kylian Mbappé akinira Paris Saint Germain nibo bitezwemwo umwe azotahukana Ballon d'Or y'uno mwaka.Tubibutse ko muri Ballon d'Or 29 zimaze gutangwa kuva ako gashimwe gatangura gutangwa, umupira w'inzahabu 1 niwo umaze gutahuka ku mugabane wa Afrika utahukanywe n'umu nya Liberia George Weah mu mwaka w'1995,ubu akaba arongoye (Président) igihugu ca Liberia kuva mu mwaka wa2018.

Ninde uha amahirwe yo gutahukana umupira w'inzahabu w'uno mwaka hagati y'abo bakinyi 3 ?
Kylian Mbappé
Lionel André Messi
Erling Halland

Inyuma ya George Weah ubona ari nde wundi mu nya Afrika azosubira gutahukana umupira w'inzahabu muri kazoza??

Fyonda Suivre (Follow) Kuri page wibuke no kugira partage kugira ubandanye uronka amakuru mashasha.

FM
Sports

  ClassicoUrukino rwariko ruhuza FC Barcelone na Real Madrid mw'ihiganwa ryo mu gihugu ca Espagne la Liga Santander rura...
28/10/2023

Classico

Urukino rwariko ruhuza FC Barcelone na Real Madrid mw'ihiganwa ryo mu gihugu ca Espagne la Liga Santander rurangiye Ku ntsinzi ya Real Madrid ku bitsindo 2 kuri 1.

FT:FC Barcelona 1-2 Real Madrid

Urukino warubonye gute?

FM
Sports
Liga Santander

28/10/2023

BARCELONE VS REAL MADRID

  Classico🔥🔥🔥Kur'uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Gitugutu ya migwi 2 ikebana FC Barcelone na Real Madrid iratana mu ...
28/10/2023

Classico🔥🔥🔥

Kur'uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Gitugutu ya migwi 2 ikebana FC Barcelone na Real Madrid iratana mu mitwe mw'ihiganwa rikuru ry'igihugu ca Espagne la Liga Santander.

Urukino urwiteguriye gute?Ninde uha amahirwe hagati y'iyo migwi 2?

FC Barcelona vs Real Madrid (16h15')
Duhurire kuri 96.8Mhz-102.4Mhz-87.7Mhz no kuri Www.boneshafm.bi

FM
Sports
Classico

DUHANE IJAMBOTubwireMbega kubwawe hariho ibikorwa mu rugo vyagenewe abana b'abigeme n'ibindi vyagenewe abana b'abahungu?...
28/10/2023

DUHANE IJAMBO

Tubwire
Mbega kubwawe hariho ibikorwa mu rugo vyagenewe abana b'abigeme n'ibindi vyagenewe abana b'abahungu?

Abavyeyi kubwawe bogira uruhara uruhe?

Wipfuza kumenya vyinshi, kurikira ikiganiro co kur'uyu wa gatandatu kuri radio Bonesha,igihe c'isaha zitanu zagatondo(11h),kuri 96.8mhz,102.4 na 87.7mhz hamwe nikibiriraho kuri internet www.boneshafm.bi
Ikiganiro Duhane ijambo kiri murukurikirane rw'Ibiganiro bishikirizwa na Studio ijambo mu mugambi "Je(we) na We mw’iterambere"


for Common ground

  des Héros: VolleyballMu mpera z'iyi ndwi Ku kibuga ca Parquet niho hazomenyekana uwuzotahuka igikombe citiriwe incungu...
27/10/2023

des Héros: Volleyball

Mu mpera z'iyi ndwi Ku kibuga ca Parquet niho hazomenyekana uwuzotahuka igikombe citiriwe incungu (Coupe des Héros)mu bahungu no mu bakobwa mu nkino za Volleyball, ihiganwa ritunganijwe Ku ncuro igira 4.

Inkino zitegekanijwe uku gikurikira kuva mu gice ca kabiri gishira icanyuma

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 28 Gitugutu hazokinwa Inkino za 1/2 final.ku kibuga cambere Ku ruhande rw'abahugu :

Rukinzo vs ASB (9h00)
Bisoro vs Gacosmos (10h30)

Ku kibuga ca kabiri Ku ruhande rw'abakobwa:

GLC vs PTT (9h30)
Estetica vs Muzinga (10h30)

Inkino z'igice canyuma zikazoca ziba bukeye kw'igenekerezo rya 29 Gitugutu 2023 Ku migwi izoba yash*tse muri Final mu bahungu no mu bakobwa.

FM
Sports
Burundaise de Volleyball

  LigueIhiganwa rya Primus Ligue rigeze Ku musi waryo ugira 11.uku niko inkino zitegekanijwe Ku bibuga bitandukanye:Kur'...
27/10/2023

Ligue

Ihiganwa rya Primus Ligue rigeze Ku musi waryo ugira 11.uku niko inkino zitegekanijwe Ku bibuga bitandukanye:

Kur'uwu wa gatanu
Rukinzo vs Aigle Noir
(Ku kibuga Urunani :15h00)

Ku musi wa gatandatu
Inter Star vs Amasipiri
(Ku kibuga Urunani:15h00)

Tel Aviv vs Tigre Noir
(Ku kibuga Ingoma :15h00)

Ku musi w'Imana
Musongati vs Bumamuru
(Ku kibuga Ingoma:15h00)
Vital'O FC vs Flambeau du Centre
(Ku kibuga Urunani:15h00)
Kayanza United vs BS Dynamique
(Ku kibuga Gatwaro:15h00)
Moso Sugar vs Magara Young Boys
(Ku kibuga Urumuri:15h00)
Le Messager Ngozi vs Olympic Star
(Ku kibuga Urukundo:1500)

Ni uruhe rukino urindiranye igishika ibizoruvamwo bivamye n'ubukomezi ubona rufise?

Fyonda suivre(Follow) kuri page ubandanye uronka amakuru Ku mwanya ku mwanya

FM
Sports

  FIFA Uburundi bwatakaje ikibanza kimwe muri rwa rutonde ngarukakwezi rusohorwa n'ishirahamwe  ry'umupira w'amaguru kw'...
26/10/2023

FIFA

Uburundi bwatakaje ikibanza kimwe muri rwa rutonde ngarukakwezi rusohorwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi yose FIFA rwerekana ukugene ibihugu birutana ibibanza n'amanota mu mupira w'amaguru

Uburundi bukaba buri mu kibanza c'i 142 mu gihe mu rutonde rwaheruka gusohoka mukwezi guheze Uburundi bwari mu kibanza c'i 141.

Ibindi bihugu vyo mu karere Ka Afrika y'Ubuseruko vyose bikaba biri imbere y'Uburundi.igihugu c'Urwanda kikaba kiza mu kibanza c'i 140.

FM
Sports
mu Rugamba

26/10/2023

HARUKUNTU YO KUWA 26.10.2023

  Champions LeagueUko inkino za League des Champions zabaye Kur'uyu wa gatatu zaraye zigenzeFC Barcelona 2-1 Shakhtar Do...
26/10/2023

Champions League

Uko inkino za League des Champions zabaye Kur'uyu wa gatatu zaraye zigenze

FC Barcelona 2-1 Shakhtar Donetsk
Feyenoord 3-1Lazio
PSG 3-0 Milan AC
Newcastle United 0-1 Dortmund
Celtic 2-2 Atletico Madrid
Young Boys 1-3 Manchester City
RB Leipzig 3-1 Crvena Zvezda
Antwerp 1-4 Porto
Uko izindi nkino zari zagenze Ku musi wa kabiri
Inter Milan 2-1 Salzbourg
Galatasaray 1-3 Bayern Munich
Manchester United 1-0 Copenhague
Séville 1-2 Arsenal
Lens 1-1 PSV
Union Berlin 0-1 Naples
Sporting Braga 1-2 Real Madrid
Benfica 0-1 Sociedad
Umugwi wawe witwaye gute Ku musi igira 3 muri Champions League?

Fyonda suivre (Follow) Kuri page ubandanye uronka amakuru mashasha

FM
Sports

23/10/2023

MUBIVUZE KW'IKI

  LigueMu mpera z'iyi ndwi, ihiganwa rya Primus Ligue ryabandanije Ku musi ugira 10 aho urukino rwa Derby hagati ya Flam...
23/10/2023

Ligue

Mu mpera z'iyi ndwi, ihiganwa rya Primus Ligue ryabandanije Ku musi ugira 10 aho urukino rwa Derby hagati ya Flambeau du Centre na Musongati rwari rurindiranywe igishika Ku kibuga Ingoma rwarangiye imigwi inganije ubusa Ku bundi,mu gihe Ku kibuga Urunani Bumamuru yariko iranganya na Messager Ngozi kimwe Ku kindi.Uko Inkino zose zarangiye:

BS Dynamique 3-0 Inter Star
Amasipiri 1-2 Vital'O FC
Bumamuru 1-1 Le Messager Ngozi
Olympic Star 1-2 Rukinzo
Tigre Noir 0-0 Kayanza United
Flambeau du Centre 0-0 Musongati
Aigle Noir 1-3 Mosso Sugar

Magara Young Boys vs Tel Aviv ( Ugwo rukino rukazokinwa kw'igenekerezo ryambere Mu kwezi kwa Munyonyo)

Gushika Ku ndwi ya 10, Umugwi wawe ubona uhagaze gute?

Fyonda suivre canke Folliw kuri page kugira ubandanye ubana natwe

FM
Sports
Ligue_FFB

 : Duhane ijamboTubwireMbega ku bwawe hariho ibikorwa mu rugo vyagenewe abana b'abigeme n'ibindi vyagenewe abana b'abahu...
21/10/2023

: Duhane ijambo

Tubwire
Mbega ku bwawe hariho ibikorwa mu rugo vyagenewe abana b'abigeme n'ibindi vyagenewe abana b'abahungu?

Abavyeyi ku bwawe bogira uruhara uruhe?

Wipfuza kumenya vyinshi,no kugira ico wunganiye, kurikira ikiganiro co kur'uyu wa gatandatu kuri radio Boneshafm isaha zitanu zagatondo, kuri 96.8,102.4 na 87.7mhz,mu rukurikirane rw'Ibiganiro vya Studio ijambo mu mugambi "Je(we) na We mw’iterambere".

No ngaha tube turayaga biciye muri commentaires.

fm
for common ground

Address

Bujumbura

Opening Hours

Monday 06:00 - 23:00
Tuesday 06:00 - 23:00
Wednesday 06:00 - 23:00
Thursday 06:00 - 23:00
Friday 06:00 - 23:00
Saturday 06:00 - 23:00
Sunday 06:00 - 23:00

Telephone

+25769773594

Website

.bi

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Bonesha FM posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Bonesha FM:

Share

Category