Nyaburunga Post

Nyaburunga Post L' essentiel des dernières nouvelles sur le Burundi et l'EAC à portée de clic Nyaburunga Post, the information you need
(2)

Comptant plus de deux millions personnes atteintes par ses publications mensuellement, Nyaburunga Post saisit cette précieuse occasion pour porter à la connaissance de tous ceux qui voudraient augmenter la visibilité de leurs services ou produits de nous contacter sur le numéro Whatsapp fourni sur la barre de nos contacts.

Kayanza :Yamigambi y'iterambere biciye mu bworozi bw'inkwavu ntiriko iragenda neza cane kubera zimwe murizo ziza zirapfa...
13/09/2024

Kayanza :Yamigambi y'iterambere biciye mu bworozi bw'inkwavu ntiriko iragenda neza cane kubera zimwe murizo ziza zirapfa..

🧑‍🦯 Mu ngendo yatanguye muri Karitiye Gitaramuka 1,2,3 kuri uyu wa 12/9/2024 zo kugendera ubucimbiri 16 (karitiye) bugize igisagara ca Kayanza mu ntumbero harimwo no gusuzuma aho umugambi washizweho na leta w'uko urugo rwose rutunga n'imiburiburi inkwavu 5 ugeze kuko mu nteguro yawo harimwo ko inyama zizoca zizimbuka zikava ku mafaranga 10.000 zari zigezeko ku kiro ico gihe umugambi uhagurukirwa mu Kayanza, gutyo hamenyekane igituma inyama ziguma zizimba kandi abenegihugu bifitiye ubworozi.

🎤Kuri microphone ya Nyaburunga Post, uwo mukuru w'igisagara ca Kayanza yavuze ko uwo mugambi ugeze ku bice 35 kw'ijana(35%) aho abenegihugu ngo basigura y'uko inkwavu zabapfanye kandi bari barazitunze aca abamenyesha ko mu bigiye gukurikira harimwo kugendere buri rugo habe gusuzuma ko zubakiwe neza (ziba hejuru) n'uko iyo zirwaye bazivuza.

Tubamenyeshe ko mw'isoko nkuru ya Kayanza ikiro c'inyama y'inka kigeze ku mafaranga angana canke arenga 20.000 y'amarundi.




Aho uherereye vyifashe gute ?

Kayanza : 🙌Ibiciro vyo kwiyunguruza vyatanguye kugabanuka kubera igitoro kimaze iminsi kiboneka ku masitasiyo.Nk'uko biv...
12/09/2024

Kayanza : 🙌Ibiciro vyo kwiyunguruza vyatanguye kugabanuka kubera igitoro kimaze iminsi kiboneka ku masitasiyo.

Nk'uko bivugwa na bamwe mu bunguruza abantu n'ibintu hakoreshejwe ingendeshwa zitandukanye bikemezwa n'abiyunguruza ngo ibiciro vyo kwiyunguruza vyatanguye kugabanuka kubera igitoro kimaze iminsi kiboneka mu Kayanza.

🤌Mu turorero batanze abaganiriye na Nyaburunga Post mu gisagara ca Kayanza kuri uyu wa kane igenekerezo rya 12/9/2024 bavuzeko ku mafaranga ibihumbi mirongo ibiri(20.000Fbu) uva mu Kayanza gushika i Bujumbura na Probox mu gihe yahora ari hagati ya 30.000_40.000 nayo kuri Hiyansi ari 15.000 mu gihe yahora hagati ya 25.000-30.000 .

Tubajije ku bituro vy'imiduga (Agence) ntaco bashimye ku bivugako kuko ngo bakoresha amazutu nayo akaba agoye kuboneka kiretse bagiye kunwesha mu gihugu ca Tanzaniya aho bita ikabanga.

Muri rusangi abiyunguruza bavugako hamwe leta yogumiza umuvuduko ifise mu bijanye n'ibitoro ibintu nka vyose vyoca bizimbuka bigasubira nk'uko vyahora mu myaka iheze.

Bujumbura :Ihiganwa "Volley_ball Wold Beach tour Pro Bujumbura Features" ryaraye ritangujwe icese n'Umukuru w'igihugu c'...
12/09/2024

Bujumbura :Ihiganwa "Volley_ball Wold Beach tour Pro Bujumbura Features" ryaraye ritangujwe icese n'Umukuru w'igihugu c'Uburundi.

Muri iryo higanwa ryatangujwe K'umuhingamo w'uyu wa Gatatu igenekerezo rya 11 /9/2024 rikazogera kw'igenekerezo rya 16 aho rizoba rimaze iminsi 5 ribera mu gisagara ca Bujumbura mu migwi yaryitabiriye ivuye mu bihugu 11 vyo kw'isi urukino rwuguruye rwahuje igihugu c'Uburundi n'ubudagi rurangira Ubudagi butsinze Uburundi iseti 2.

Kayanza :"Ihadabu baca umugabo canke umukenyezi wiwe iyo bituye ubutungane bashwanye, tuvyita gusahura umuryango !"Mw'is...
11/09/2024

Kayanza :"Ihadabu baca umugabo canke umukenyezi wiwe iyo bituye ubutungane bashwanye, tuvyita gusahura umuryango !"

Mw'ishirahamwe Abagabo mu Gahinda ryatanguriye mu ntara ya Kayanza mu 2021 rifise abanwanyi 37, harimwo n'abakenyezi 5 bakagira ihangiro nyamukuru ko abagabo n'abo baserukirwa nk'abakenyezi mbere izina Serugo rikamana iteka mu rugo bavugako ihadabu baca umugabo canke umukenyezi wiwe iyo bituye ubutungane bashwanye bo bavyita gusahura umuryango.

🎤 Aganira n'umwanditsi wa Nyaburunga Post mu buraruko bw'igihigu,Boniface Nduwimana aserukira iryo shirahamwe imbere y'amategeko yavuzeko mu gihe mu muryango hagize uwo baca ihadabu kubera imishwano mu rugo ayaha uwo bubakanye bituma ubutunzi bw'uwo muryango busubira inyuma abana bakarwa mu mporero kuko uburyo bwo babeshejeho aribwo buba butanzwe .

✍️Boniface asabako hoba impinyanyuro yo kubumvikanisha gusa biciye mu mpanuro ariko ntihatangwe amafaranga atanzwe. Uwuyatanze akerekana aho ayakuye ariko atari mu rugo nyimba umugore aja kuyakura iwabo umugabo nawe akaza kuyakorera ahandi ariko ntabe ayofashije urugo.

Basomyi, ico ciyumviro mucumva gute?

🛑Kayanza :Baturiye inzu y'uwo biketseko uburozi none 8 babarizwa muri Komisariya y'igipolisi mu mvo z'amatohoza.✍️Hari n...
10/09/2024

🛑Kayanza :Baturiye inzu y'uwo biketseko uburozi none 8 babarizwa muri Komisariya y'igipolisi mu mvo z'amatohoza.

✍️Hari nk'isaha umunani z'ijoro buca ari igenekerezo rya 7/9/2024 kuri uyu wa 6 aho inzu y'umutamakazi Miburo Rehosiya w'imyaka 70 y'amavuko yaba mu gacimbiri Kinyentama ku mutumba Gahahe komine n'intara ya Kayanza yaturirwa n'ibiriyo vyose bigatokombera n'ababanyi bamwiketseko uburozi.

Aganira n'umwanditsi wa Nyaburunga Post mu buraruko bw'igihugu Simiyoni Nyandwi, umukwe w'uwo mutamakazi ari nawe yamuhungishije inzu igasha yahunze, yavuze ko vyatanguye iyo nzu y'ivyatsi iterwako amabuye isaha cumi nazibiri(18h) z'uyo wa 5 ica iturirwa isaha umunani (2h) ituriwe n'imiryango 12 kuri 24 iba muri ako gace gahurikiyemwo imiryango y'abatwa.

Simiyoni yogeyeko uwo mutamakazi yazize ukwikeka kuko atakintu nakimwe kivyemeza bigeze bamubonana kiretse ko ngo hari umwana yaheruka gupfa muri ako gace uwo nawe ngo bikaba vyari vyavuyeko bamuciye ikirimi cararengeranye.

Lieutenant-Colonel de police Pascal Nshimirimana arongoye igipolici mu ntara ya Kayanza yabwiye uwo mwanditsi ko abantu 8 aribo bapfungiwe muri Komisariya mu Kayanza ku mvo z'amatohoza kandi uwo bizagira ategerezwa guhanwa kuko kizira kikaziririzwa kwihanira n'ubwo vyoba ivyo yikekwako arivyo narirya gushika kuri uyu wa 2 atakimenyetso cari bwaboneke cemeza ubwo burozi.


.

🔴Gitega: Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca asaba abajejwe intwaro gutohoza abantu barishe ifumbire batayiron...
10/09/2024

🔴Gitega: Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca asaba abajejwe intwaro gutohoza abantu barishe ifumbire batayironse, babihereze ubushikiranganji bavyige kugira abo bantu baze batunganirizwe.

Ivyo umushikiranganji wa mbere yabishikirije kuri uyu wa 10/09/2024 mu nama yabereye I Gitega itumiwemwo ba buramatari ,abajejwe uburimyi n'ubworozi mu ntara, bamusitanteri ,abatwara ikigo Isabu hamwe n'abajejwe ivy'ikirere IGEB.

Iyo nama yari yatunganijwe mu ntumbero yo kurabirahamwe ingene itunganywa ry'irima ry'agatsi rigiye kugenda no guhimiriza abenegihugu kuryitegurira.

Umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi Dodiko Prosper yamenyesheje ko mu ruganda FOMI ifumbire abenegihugu bazokoresha ikwiye ko yamara intambamyi izoba kuyishikiriza abenegihugu kubera ibitoro.

Umushikiranganji wa mbere wa Reta y'Uburundi kukijanye n'ingene ifumbire izoshikira abenegihugu yasavye ababijejwe kwitanga igitoro kiboneke kuburyo vuba ifumbire abenegihugu ibashikira.



Ikigo c'ubushakashatsi c'abongereza caraye gishize ahabona imyuga 10 irwiriyemwo abaca inyuma abo bubakanye... 1.  Abada...
10/09/2024

Ikigo c'ubushakashatsi c'abongereza caraye gishize ahabona imyuga 10 irwiriyemwo abaca inyuma abo bubakanye...

1. Abadandaza
2. Abigisha
3. Abaganga
4. Abashoferi
5. Abakorera mu mahoteli
6. Aba ingénieurs bo mu mahinguriro
7. Abubatsi
8. Abakontabure
9. Aba informaticiens
10. Abasirikare.

Mubona bibeshe?

[Cerfia]

Kayanza : Kuba amapire y'iradiyo yarazimvye ngo bituma imiryango y'abatwa itamenya amakuru vyoroshe Ku bwa Sindihebura S...
09/09/2024

Kayanza : Kuba amapire y'iradiyo yarazimvye ngo bituma imiryango y'abatwa itamenya amakuru vyoroshe

Ku bwa Sindihebura Siméon umwe muri iyo miryango wo mu Gacimbiri Kinyentama umutumba Gahahe wo muri komine n'intara ya Kayanza avuga ko yatanguye gutunga iradiyo amapire ayagura rimwe amafaranga 70 none ubu arigura 1200 mu mafaranga y'amarundi ibituma adashobora kwama aronka 3600 bihura n'amapire 3 agira rimwe mw'iradiyo.

Baba bagenziwe cânké we ubw'iwe babwiye umwanditsi wa Nyaburunga Post kuri uyu w'Imana ko leta yari ikwiye gufasha amapire akazimbuka kuko ngo aho umuyagankuba urwiriye mu gihugu c'Uburundi iyo miryango nayo itaratera imbere ngo ibe mu bisagara vyatumye ica ibura uko ishikirwa n'amakuru vyoroshe.

Siméon ahanura kandi ko imiryango y'abatwa ko bogira inguvu mu kwiga kugira hazoboneke abamenyeshamakuru b'abatwa narirya umutwa n'iradiyo umengo n'inka n'imirima.

NTIMUCIKWE🧾Itangazo ryerekeye kuvura amaso, kubaga amaso no gutanga imiti nama lunettes ku buntu▪️KIBIMBA: Polyclinique ...
08/09/2024

NTIMUCIKWE

🧾Itangazo ryerekeye kuvura amaso, kubaga amaso no gutanga imiti nama lunettes ku buntu

▪️KIBIMBA: Polyclinique Umugiraneza

- 09/09/2024 Kuwambere: Gusuzuma no Gukora abarwayi
- 10/09/2024 Kuwakabiri: Gusuzuma no Gukora abarwayi
- 11/09/2024 Kuwagatatu: Gusuzuma no Gukora abarwayi
- 12/09/2024 Kuwakane: Gukora abarwayi
- 13/09/2024 Kuwagatanu: Gusuzuma nukwitaho abarwayi bakozwe

Abarwayi begereye Kibimba: Gitega, Muramvya, Mwaro batashikiriwe gukorwa( Kubarwa Cataracte) boshika ku Kibimba kuri Polyclinique Umugiraneza kuva kumusi wambere 09/09/2024 mugatondo kakare.

▪️HPRC: Hôpital Prénce Régent Charles,

Ni kuva kumusi wa Gagatandatu igenekerezo rya 14/09/2024 gushika kwigenekerezo ryav18/09/2024

Uwufise ico abaza: 61 026 085 canke 68 220 022

Inyuma y'ibicapo bitandukanye vyerekana uko bamwe n'abandi bipfuza ko ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hubakwa, Umunyami...
07/09/2024

Inyuma y'ibicapo bitandukanye vyerekana uko bamwe n'abandi bipfuza ko ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hubakwa, Umunyamigambi Fablice Manirakiza nawe yerekanye uko yipfuza kwubaka ico kibanza.

Muhabona gute?

🌽 Kayanza :Ikena ry'imbuto z'ibigori vy'ibivyarwa (Maïs hybride) ryoba riva ko abarimyi bamaze gutahura akamaro k'iyo mb...
06/09/2024

🌽 Kayanza :Ikena ry'imbuto z'ibigori vy'ibivyarwa (Maïs hybride) ryoba riva ko abarimyi bamaze gutahura akamaro k'iyo mbuto.

Mu kiyago na Nyaburunga Post, Evariste Sindayigaya arongoye uburimyi n'ubworozi muri komine Gatara yavuzeko imbuto y'ibigori PAN53 igishika muri iyo komine ibiro 500 vyabananiye kumara gutera kuko uwavyumva wese yaca abihunga akiterera ivyo bita isega

🧺Barabiye k'umwimbu wa bake mu bari babirimye itoni 19 n'izo zaciye ziterwa k'umwaka wakurikiye none mw'irima ry'umwonga riheze itoni 5 n'ibiro 506 bahawe na leta ku kiro 7400 ngo ntan'ico vyavuze kuko abarimyi bari bateguye guteragira uburinganire bwa hegitari 633 z'umwonga mu gihe ibigori bahawe vyahura na are 22,25 gusa bimwe mu vyatumye abarimyi bidoga ko babuze imbuto kandi ikiro 1 gishobora gutanga umusaruro uri hagati y'ibiro 160-200 nkuko bivugwa na Evariste mu gihe isega bimbura ibiro biri hagati ya 20-50 gusa.

🤳 K'umurongo wa Téléphone, Adelin Niyonsaba umuyobozi w'uburimyi n'ubworozi mu ntara ya Kayanza yabwiye umwanditsi wa Nyaburunga Post ko muri rusangi irima ry'umwonga muci ryagenze neza mu ntara ariko ntahakana ko habaye ubuke bw'imbuto ivyatumye abenegihugu bazigurira aho bazibonye kw'isoko.

📌 Bamwe mu barimyi bo muri komine Gatara twayaze bavuzeko imbuto y'ibigori PAN53 bayiguze ku kiro y'amafaranga 25000 nayo iyo bita bazooka bayigura amafaranga 24000 ariko bagasaba leta gufasha kugira ngo itange imbuto nyinshi zishikire abarimyi kuko bikeka ko iyo zije ari zike arizo zica zijanwa kw'isoko hakazimbwa umwenegihugu kandi yoziguze make.

✍️Aho uherereye imbuto y'ibigori igurwa gute kw'isoko ?

🛑Zambia: Igipolisi c'i Lusaka caraye gihagaritse abo cikeka ko baba muri ico gisagara badafise vyangombwa bashika 283. M...
06/09/2024

🛑Zambia: Igipolisi c'i Lusaka caraye gihagaritse abo cikeka ko baba muri ico gisagara badafise vyangombwa bashika 283. Muri abo harimwo abarundi 207, abakongomani 53, abanyarwanda 10, abatanzaniya 4 n'abandi bava mu bindi bihugu.

Muri uwo mukwabu amakinga ashika 40 y'abirutse babonye polisi, nayo nyene yarafashwe.

(ZNBC Today)

🛑Zambia: Amb. Evelyne Butoyi yashikirije Zambia za toni ibihumbi 5 zigizwe n'ibigori, umuceri n'ibiharage, Leta y'Uburun...
05/09/2024

🛑Zambia: Amb. Evelyne Butoyi yashikirije Zambia za toni ibihumbi 5 zigizwe n'ibigori, umuceri n'ibiharage, Leta y'Uburundi yahaye ico gihugu kugira bifashe uturere twabangamiwe n'ihindagurika ry'ibihe.

Amb. Butoyi aserukira Uburundi muri ico gihugu akaba amenyesha ko Uburundi bwegeranije iyo ngabire mu ntumbero yo kwitabira akamo ka Perezida wa Zambia yasaba ko abashikiwe n'ivyo vyago boshigikirwa.

⚽ Uburundi bwerekanye ico buri mugutsinda amagori 3-2 igihugu ca Malawi!Hari mu rukino rwahuje Intamba mu rugamba umugwi...
05/09/2024

⚽ Uburundi bwerekanye ico buri mugutsinda amagori 3-2 igihugu ca Malawi!

Hari mu rukino rwahuje Intamba mu rugamba umugwi nserukira gihugu mu Burundi n'uwo muri Malawi aho Uburundi bwatsinze amagori 3_2 ya Malawi mu rukino rwabereye muri Malawi kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 5/9/2024 muri za nkino zokurondera itike yo kuja muri .

Tubamenyesheko bwa ciye buronka amanota 3 buba bubaye buhagaze mu kibanza cambere inyuma yo kurindira ko iyindi migwi ihura.

🛑Burundi: Gasape amenyesha ko abaye arahagarika ku rubuga rwiwe rushasha Gasape Chat abinjira bari hanze y'Uburundi mu n...
05/09/2024

🛑Burundi: Gasape amenyesha ko abaye arahagarika ku rubuga rwiwe rushasha Gasape Chat abinjira bari hanze y'Uburundi mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c'abipfuza kwinjira kuri urwo rubuga bari mu Burundi ariko inimero zikanka kwinjira.

Umunyamigambi Gasape asigura ko atari ikibazo kiri ku rubuga rwiwe ahubwo ko ari ikibazo kijanye n’ubucungezi bw’aho baguze "zirya message z'ibiharuro muronka bita OTP kuko ngo bemerera gusa abantu batarenga 3000."

«Ni intambamyi vy’ukuri ku rubuga nka Gasape Chat rugitangura, ariko turiko turaraba uko duhindura uwo mudandaza tugurirako izo message OTP, maze tuzane uwushobora kureka abantu bose bakaja ku rubuga aho bashakiye hose.», niwo mukenyero Gasape Chat itegekanya.

Ni mu gihe abatari bake mu bagerageje kwinjira kuri urwo rubuga vyanse ko barengana aho bisaba kwemereza inimero.

04/09/2024

Umugambwe CODEBU wahoze ari Frodebu Nyakuri ushimangira ko uri mu migambwe itavuga rumwe n'uwuri kubutegetsi. Keffa Nibizi ati: "Aho tugeze ntitucemera gutamikwa ijambo".

02/09/2024

«Uburundi bugiye guterimbere mu mwanya muto», Perezida Evariste Ndayishimiye.

🎥 CNDD FDD

Umumenyeshamakuru Charles Makoto arongoye Radio na Télévision Isanganiro yahagaritswe n'igipolisi  ku muhana iwe Mwiteng...
02/09/2024

Umumenyeshamakuru Charles Makoto arongoye Radio na Télévision Isanganiro yahagaritswe n'igipolisi ku muhana iwe Mwitenga.

Abo baporisi bari bitwaje umutahe wanditsweko ko ahagaritswe kubera kugarariza amategeko.

«Aha mubona twoba tugikwirwa mu kwaha? Ntihagire uwubahenda CODEBU Iragi rya Ndadaye ni umugambwe uri muyitavuga rumwe n...
01/09/2024

«Aha mubona twoba tugikwirwa mu kwaha? Ntihagire uwubahenda CODEBU Iragi rya Ndadaye ni umugambwe uri muyitavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi. (...). Kumwe Sahwanya FRODEBU wagira mu 1993 niko tuzokora. Mugahuruduka ntizoshika. Mubigishe buhoro buhoro, mucengetera»

Amwe mu majambo yashikirijwe na Keffa Nibizi arongoye umugambwe Codebu (wahoze ari Frodebu Nyakuri) mw'ikoraniro uwo mugambwe wagize kuri uyu w'Imana muri Bujumbura.


🔴Bujumbura: Abana 170 bararonkejwe ibikoresho vy'ishure...Kuri uyu wa 31 myandagaro 2024, ishirahamwe Abana Bacu (ABBA),...
01/09/2024

🔴Bujumbura: Abana 170 bararonkejwe ibikoresho vy'ishure...

Kuri uyu wa 31 myandagaro 2024, ishirahamwe Abana Bacu (ABBA), ryifadikanije na Ubuntu Solidarity na Unis pour aider, vyaratanze ibikoresho vy'ishure ku bana 170 bo mu ma quartiers ya Gitaramuka, Gisyo na Ruziba bari mu mugambi JLC(Jars of Love Community).

✍️Dr Gifwandi Chris Lee arongoye ishirahamwe JLC, amenyeshako hatanzwe amakaye, amakaramu n'utundi dukoresho bizobasahirizaabo bana muri uyu mwaka w'ishure w'i 2024-2025.

🎤Abavyeyi babo bana bakaba biruhutsa ko babasahirije narirya igiciro c'amakaye ciyongereye kw'isoko nabo bakaba bafise amikoro make.

01/09/2024

Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye yibutsa Imbonerakure kubandanya ikivi ariko bagavye kuko hari ibinebwe bifise ishari kubw’abakozi bariko baraterimbere.

Cibitoke-Bukinanyana : Umugabo wo ku mutumba Nyarwumba yaraye agandaguye umugore wiwe, munyuma nawe aca agirako yiyahura...
01/09/2024

Cibitoke-Bukinanyana : Umugabo wo ku mutumba Nyarwumba yaraye agandaguye umugore wiwe, munyuma nawe aca agirako yiyahura.

Amakuru ava ku mutumba avuga intandaro y’iryo bara kwoba kwabaye ukutumvikana kw'ikoreshwa ry'amatongo y'umuryango.

(ABP)

01/09/2024

Umukuru w'igihugu amenyesha ko hari ibimenyetso vyerekana ko Uburundi bugiye guterimbere vuba

31/08/2024

Umu CNL amenyesha ko umugambwe CNDD FDD udakumira abo badasangiye umugambwe, ahubwo nyabuna ko aribo bikumira.

Ashinga intahe ingene yajijutse inyuma yo kuja muri Koperative ihuriyemwo imigambwe itandukanye. «Ati kera jewe ahantu aba CNDD FDD bateramiye jewe sinahaja».

Mutege abiri.


Nawe wofasha😊
30/08/2024

Nawe wofasha😊

Êtes-vous au courant des difficultés que rencontrent les jeunes en dehors du système scolaire ?Venez explorer les défis ...
30/08/2024

Êtes-vous au courant des difficultés que rencontrent les jeunes en dehors du système scolaire ?

Venez explorer les défis quotidiens auxquels ces enfants marginalisés sont confrontés et découvrir des solutions durables pour y remédier.

Cet événement est à ne pas manquer !

Umukuru w'igihugu asaba abarundi kureka kwidodomba, kwicisha bugufi mu kutagara,  hamwe no kwama bibuka iyo Imana yabaku...
30/08/2024

Umukuru w'igihugu asaba abarundi kureka kwidodomba, kwicisha bugufi mu kutagara, hamwe no kwama bibuka iyo Imana yabakuye.

Ivyo Kizigenza yaraye abishikirije kuri uyu wa kane mu gisabisho mpuzamadini gitunganywa na Cndd-Fdd buri wa kane wa nyuma w'ukwezi mu ntumbero yo gukenguruka ivyiza bagabanye mu kwezi kurangiye hamwe no kuragiza Imana ukwezi gushasha baba bimirije gutangura.

Perezida Evariste Ndayishimiye yasavye indongozi kwirinda kwigira akamana no kudatirimuka imbere y'ibigeragezo. Yamenyesheje kandi ko ko ukwezi kwa Nyakanga kuzoba ukwezi kw'impore.


🛑Kayanza: Umugabo w'imyaka 42 yaraye apfuye aguye mu kazu kasugumwe  k'ikinogo c'imetero 16 aho yari yamanutse kurondera...
26/08/2024

🛑Kayanza: Umugabo w'imyaka 42 yaraye apfuye aguye mu kazu kasugumwe k'ikinogo c'imetero 16 aho yari yamanutse kuronderamwo ibihumbi 50 vyakorokaniyeyo umuntu.

Bakaba bari bumvikanye ko azanye iyo noti baca bayigabura yamara akaba yahasize ubuzima.

▪️Iris News

25/08/2024

Abakunda amakuru ya Nyaburunga Post , bakipfuza kuyaronka kuri WhatsApp twabashiriyeho umugwi.
Fyonda mwinjire:

Address

Bujumbura
BUJUMBURA

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Nyaburunga Post posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Nyaburunga Post:

Videos

Share

Category

Qui sommes-nous

Nyaburunga News est un pseudonyme d'un journaliste indépendant.Nyaburunga News travaille sous une ambition brûlante:informer son public sur les dernières nouvelles de l'actualités burundaises et régionales.


Other Media Agencies in Bujumbura

Show All

You may also like