16/11/2023
: Abigeme baratinya kwiga ibisata vy'ubuhinga
..................................,.........................
Bimwe mu bisata vy'ubuhinga bidahurumbirwa cane harimwo n'abigeme ni ivyigisha ibijanye n'uwuyagankuba( Electricité Industrielle , Electromécanique) nk'uko bamwe mu bigeme b**a kw'ishure ryisumbuye ry'ubuhinga ryo ku Rubaho muri komine ya Giharo bavyigana.
Tuyisenge Sylvane, umwe muri abo bigeme, ageze mu mwaka wa 2, ati :« Abigeme turi inkehwa muri bino bisata.Tukiza kuhiga baraduteye ubwoba ko tutazomenya, ko ivyo bisata vyagenewe abahungu.Ariko tumaze kuhashika, twariganye umwete Kandi twasanze ata vyigwa bigoye birimwo vyotuma abigeme bananirwa.»
Umuyobozi w'iryo Shure, Thaddée Nibigira, nawe nyene aremeza ko ivyo bisata vy'ubuhinga bidahurumbirwa n'abigeme.Ariko akaba ashinga intahe ko abigeme bamaze guhereza kuri iryo Shure mu gisata cigisha umuyagankuba benshi muri bo basigaye ari abahinga mu mashirahamwe n'amahinguriro ya hano mu gihugu nko muri SOSUMO, Regideso, FOMI n'ahandi.
Mwomenya ko iryo Shure ry'imyuga ryo ku Rubaho muri komine Giharo mu ntara ya Rutana, rifise abanyeshure 140, muri bo abigeme bakaba ari 27 kandi rikaba ari rimwe rudende ryigisha ivyo bisata mu ntara yose.