Burunga

Burunga Burunga, the News that reflect the truth. contact: +25768020708

 : Abigeme baratinya kwiga ibisata vy'ubuhinga ..................................,.........................Bimwe mu bisa...
16/11/2023

: Abigeme baratinya kwiga ibisata vy'ubuhinga
..................................,.........................

Bimwe mu bisata vy'ubuhinga bidahurumbirwa cane harimwo n'abigeme ni ivyigisha ibijanye n'uwuyagankuba( Electricité Industrielle , Electromécanique) nk'uko bamwe mu bigeme b**a kw'ishure ryisumbuye ry'ubuhinga ryo ku Rubaho muri komine ya Giharo bavyigana.

Tuyisenge Sylvane, umwe muri abo bigeme, ageze mu mwaka wa 2, ati :« Abigeme turi inkehwa muri bino bisata.Tukiza kuhiga baraduteye ubwoba ko tutazomenya, ko ivyo bisata vyagenewe abahungu.Ariko tumaze kuhashika, twariganye umwete Kandi twasanze ata vyigwa bigoye birimwo vyotuma abigeme bananirwa.»

Umuyobozi w'iryo Shure, Thaddée Nibigira, nawe nyene aremeza ko ivyo bisata vy'ubuhinga bidahurumbirwa n'abigeme.Ariko akaba ashinga intahe ko abigeme bamaze guhereza kuri iryo Shure mu gisata cigisha umuyagankuba benshi muri bo basigaye ari abahinga mu mashirahamwe n'amahinguriro ya hano mu gihugu nko muri SOSUMO, Regideso, FOMI n'ahandi.

Mwomenya ko iryo Shure ry'imyuga ryo ku Rubaho muri komine Giharo mu ntara ya Rutana, rifise abanyeshure 140, muri bo abigeme bakaba ari 27 kandi rikaba ari rimwe rudende ryigisha ivyo bisata mu ntara yose.

 : Basaba Imiti, Ubutungane kubana babo basambanijwe bahendeshejwe Ibigori, Inyama n'Umuceri  ... .........................
16/11/2023

: Basaba Imiti, Ubutungane kubana babo basambanijwe bahendeshejwe Ibigori, Inyama n'Umuceri
... ........................................................................
Abavyeyi b'abana batatu bari hahati y'imyaka Itandatu na Ndwi bo ku mutumba Kinyami muri komine ya Ngozi basaba ko abana babo bovuzwa hanyuma bakaronswa ubutungane inyuma yaho basambanijwe n'uwitwa Babu abahendesheje amafaranga ari hagati ya 200 na 500 hamwe n'ibigori, inyama n'umuceri.
Umwe muri abo bavyeyi ari nawe yatumye bimenyekana avuga ko umwana wiwe Babu yamusambanije kuwa gatandatu nawe aza kubimenya kuwamungu ariko aramwoza ngo baje gusenga.

Ngo yagiye muri toilette ararindira ko avayo arabura. Agiye kuraba asanga aho yagiye huzuye amaraso, niko kumubaza nawe ati: "ngomba ndakubwire mugabo ntunkubite, Babu yabanje kumpa umuceri n'inyama aca arangirira ibisutwa yabanje kuza arakoza intoke mugapipi, hama akura ipantalo ashira kurupipi rwiwe akantu kameze nk'agashashi aca andyamisha kugitanda mvunze ngo ndababara agaca azana imbugita akambwira ngo nkomye induru aca anca umuwa".

Uyo muvyeyi avuga ko ariho yaca amujana kwa muganga docteur abonye amaraso ukuntu ari menshi aca aramupima amuha urupapuro ajana kwa Procureur.
Bukeye uwo mugabo baciye bamufata barabumviriza, ariko ubugira gatatu ngo baranse kubumviriza baca baja mubaharanira agateka k'abana umuntu waho aje niho babumviriza.

Uwundi muri abo bavyeyi nawe avugako yabimenye kubera umwana yaguma yigunze wenyene akibaza ngo nuko yoba akumbuye nyina kuko uwo amureze ni mukase.
Uyo mubanyi wambere amaze gutwara uwiwe kwa muganga kandi bahora bajana gukoropera no kuvomera uwo Babu, niko gukebwa amubajije amubwiz'ukuri ati: "ngira nkubwire ariko ntubibwire papa, Babu yarampaye umuceri n'inyama aca arabinkorera n'agapipi, ndize acambwira ndabivuze arankubita".

Uwundi muvyeyi basangiye ikibazo we avuga ko ikibabaje aruko imiti abana bandikiwe na muganga yo kuzofata ukwezi kwose batashoboye kuyikwiza kubera ikibazo c'uburyo kandi bakaba batariko baratunganirizwa vuba kuko

 :Umukuru w'igihugu ca Somalie aritezwe i BujumburaHassan Sheikh Mohamud yitezwe kukibuga c'indege Melchior Ndadaye kur'...
15/11/2023

:Umukuru w'igihugu ca Somalie aritezwe i Bujumbura

Hassan Sheikh Mohamud yitezwe kukibuga c'indege Melchior Ndadaye kur'uyu wa 16 Munyonyo 2024,aho azoba aje mu rugendo rw'akazi mu Burundi.

Urugendo rw'umukuru w'ico gihugu ruheruka,rwabaye mu mwaka wa 2019 rukozwe na Mohamed Abdullahi yaramutswa ico gihugu.

📸:RTNB

Hari umurundi yatowe ikiziga mu gihugu c'UbuswisiJean Désiré Nkurunziza,umwe mu ndongozi z'ikigo mpuzamakungu cegukira i...
15/11/2023

Hari umurundi yatowe ikiziga mu gihugu c'Ubuswisi

Jean Désiré Nkurunziza,umwe mu ndongozi z'ikigo mpuzamakungu cegukira ishirahamwe ONU kijejwe gutez'imbere urudandazwa kw'isi,yari yabuzwe irengero kw'igenekerezo rya 13 Munyonyo 2023 mu gihugu c'Ubuswisi yatowe ikiziga ahitwa Etrembières.

Amakuru ava muri ico gihugu avuga ko yari yabuzwe irengero inyuma yaho agiye kwinonora imitsi ahitwa solève akaba atagarutse.

Tubabwire ko mu myaka y'ibihumbi bibiri na mirong'ibiri na rimwe na mirong'ibiri na kabiri (2021-2023) yagaragaye cane mu bikorwa vyo kunagura ubutunzi mu Burundi no mu vyo gukarihuriza ubwenge abakozi bo muri Banki Nkuru y'uburundi.

 : Abamotari barashima amasaha abiri bongewe yo gukora mw'Ijoro............................................................
15/11/2023

: Abamotari barashima amasaha abiri bongewe yo gukora mw'Ijoro...........................................................................
Inyuma yaho abunguruza abantu kumapikipiki i Gitega basabiye ko amasaha yo gukora mw'ijoro yongerezwa, baravyemerewe.
Ni mugihe bahora bakora gushika isaha imwe y'ijoro ubu bakaba bazohora bageza isaha zitatu z'ijoro.
Abo bunguruza abantu cokimwe n'abiyunguruza barashima iyo ngingo aho bavuga ko biriko biraza ndetse bakizera ko bazoteba bakabareka bagakesha nko muzindi ntara za Kayanza na Ngozi.
Kamaliza violette,avugako kwiyunguruza cane cane mu ijoro vyahora bibabera ikibazo.ati:"kwiyunguruza mumasaha yo mu ijoro vyahora bitugora nkiyo tuvuye mumanza twataha twiruka urubanza rudaheze ngo ntitubure ikitwunguruza kuko utevye wahagenda n'amaguru canke ugatwarwa n'umumotare agenda akebaguzwa acungana n'abapolisi".

Nimubona Aloys akora umwuga wo kwunguruza abantu nawe kubwiwe intambwe itewe niyo kwishimira.ati: "Nka jewe nta moto mfise, nkunda kuronka Pike kumugoroba, rero umuntu aguhaye moto nka 17h bakagutegeka gutaha 19h kandi ariho haba hari aba clients benshi hakaba n'igihe invura ica igwa urumvako ntaco nokuramwo ngo nuwayimpaye ndamuhe ayiwe".

Ayo masaha abiri abunguruza abantu kumapikipiki bongewe bikaba ari bimwe muvyafundikiwe munama yabahuje n'abarongoye inzego z'umutekano muntara ya Gitega Kw'igenekerezo rya 9/11/2023.

 :Harimirije inama y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa Afrika y'ubuserukoIyo nama igira 23 itegekanijwe kw'igenekere...
14/11/2023

:Harimirije inama y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa Afrika y'ubuseruko

Iyo nama igira 23 itegekanijwe kw'igenekerezo rya 24 Munyonyo 2023,i Arusha mugihugu ca Tanzanie,nk'uko biri kumbuga hwaniro z'umuryango w'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko.

Iyo nama ikazokurikira ihuriro ridasanzwe ryo kugwego rw'akarere ka Afrika y'ubuseruko ryerekeye ihindagurika ry'ibihe n'ugufungura neza,ritegekanijwe kw'igenekerezo rya 23 Munyonyo 2023.

Icivugo kikaba kijanye n'ingene ubutunzi bwokwisununura biciye mubikorwa vyerekeye ugukingira ikirere, mu ntumbero yo guteza imbere ugufungura neza hamwe n'imibereho y'abantu.

 : Uwugendana ubumuga ntakwiye kugenda arasega............................................................Iyo n'impanuro...
14/11/2023

: Uwugendana ubumuga ntakwiye kugenda arasega............................................................

Iyo n'impanuro itangwa na Karori wo ku mutumba Camazi muri komine Gisagara mu ntara ya Cankuzo asanzwe agendana ubumuga nk'uko biboneka ku mubiri wiwe.
Aho twamusanze ariko arashona ibirato vyononekaye, igikorwa avuga ko kimutunze kuko kimuronsa udufaranga duke duke, yemeza ko ashobora kuronka amafaranga ari hagati y'ibihumbi 2000 na 5000.

Ku bwiwe, ngo kuba yavukanye ubwo bumuga, ntivyotuma aca arera amaboko ngo atungwe no gusabiriza. Agahanura abandi bagendana ubumuga ndemanwa canke ubundi ko bovavanura n'ingeso yo gusegerereza mu mabarabara kuko ngo naho bishika bakaronka utwo gufungura, bituma basuzugurwa

 : Abayobozi baridoga ko umugambi wo kugaburira abana ku mashure uhungabanya ivyirwa ......................................
13/11/2023

: Abayobozi baridoga ko umugambi wo kugaburira abana ku mashure uhungabanya ivyirwa
.............................................................................
Havugimana Edouard umuyobozi w'ishure nshingiro rya Mageyo II muri komine Butezi riri k'umutumba Sorero avuga ko kuva ico gikorwa co kugaburira abanyeshure gitanguye, urutonde rw'ibikorwa biba bitegekanijwe ku munsi bisigaye bihungabana.

Nk'uko avyemeza, ngo uko guhungabana biterwa ahanini n'uko iminsi yose hari umwigisha ajejwe gusohora imfungurwa mu bubiko, agakurikirana uko zitegurwa gushika abana bafungurirwe.
Eka ngo n' umuyobozi bimusaba ko iminsi yose y'ivyigwa abanza guca mu mashure yose gusuzuma abasivye kugira basohore imfungurwa zikwiranye n'abatonze kw'ishure, ivyo b**atuma hari ivyo basanga vyari bitegekanijwe ariko bitakozwe.

Ahandi hatakarira umwanya ngo n'iyo hageze gufungura kuko iryo shure risanzwe rifise abanyeshure benshi mu gihe inzu yagenewe ico gikorwa yakira bake bake, ibituma baza barakurakuranwa. Uwo muyobozi agasaba ko hoboneka umukozi ajejwe ico gikorwa gusa kandi n'iyo nzu yagenewe gufungurirwamwo ikagurwa.

Diomède Sibomana arongoye Ikomine y'indero ya Butezi mu ntara ya Ruyigi, nawe nyene aremeza ko ico gikorwa co gufungurira abanyeshure rimwe na rimwe gihungabanya ivyigwa, ariko akavuga ko uwo mugambi watumye ibitigiri vy'abasiba canke baheba amashure b**abanuka. Akipfuza ko mbere uwo mugambi wokwaguka ugashikira n'ayandi mashure utarashirwako.

 :Ibitaro vya kaminuza y'Umwami Khared bigiye kunagurwa  vyongere vyagurweMu ntumbero yogushigikira ivyo bikorwa,igihugu...
13/11/2023

:Ibitaro vya kaminuza y'Umwami Khared bigiye kunagurwa vyongere vyagurwe

Mu ntumbero yogushigikira ivyo bikorwa,igihugu ca Arabie Saoudite kibicishije mukigega caco kijejwe iterambere,Fonds Saoudien pour le développement caremeye guha Uburundi uburyo bungana n'imiriyoni 50 z'amadorari y'Abanyamerika.

Ni mu masezerano yogushigikira Uburundi mw'iterambere ry'igisata c'amagara y'abantu yateweko umukono hagati y'igihugu c'Ubwami bwa Arabie Soudite hamwe n'Uburundi.Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye akaba yayateyeko umukono igihe yari yitavye ihuriro rya mbere ryahuje ibihugu vya Afrika n'igihugu c'Ubwami bwa Arabie Saoudite i Riyad.

Mu ntumbero yogushigikira iterambere ry'ibihugu vya Afrika,ico kigega cariyemeje gutanga uburyo bungana amamiriyaridi 5 y'amadorari y'Abanyamerika azoshigikira mubisata canecane vy'ubutunzi nk'igisata c'ubutare, amahinguriro,gushigikira abanyamitahe be n'amahinguriro matomato n'ayandi abayabaye.

Evariste Ndayishimiye akaba yarabonanye n'umunyamabanga mukuru w'idini rya Islam kugwego rw'isi aho nawe yamwemeye gushigikira igikorwa c'inyubako y'igicaniro kizohuriramwo n'amadini yose,kiriko cubakwa i Gitega.Uwo mutegetsi mw'idini rya Islam akaba yasavye ko yobana n'abarundi umunsi iyo nyubakwa izokugururwa icese.

 :Hari intambamyi nyinshi zibuza umukenyezi guserukirwa bikwiye mu nzego zifata ingingoAmategeko adatomora neza ingene u...
11/11/2023

:Hari intambamyi nyinshi zibuza umukenyezi guserukirwa bikwiye mu nzego zifata ingingo

Amategeko adatomora neza ingene umwigeme canke umukenyezi aserukirwa munzego zifata ingingo gushika kugwego rwo hasi,ubushobozi buke muvy'ubutunzi,ukudaterwa intege,kubonwa nabi mukibano hamwe n'ukurementanirizwa ni bimwe muntambamyi zibuza ko umukenyezi n'umwigeme baserukirwa neza munzego zifata ingingo,nk'uko Manirakiza Godelieve,umuyobozi mukuru w'ishirahamwe ry'abakenyezi bahungutse AFRABU yabishikirije k'umuhingamo wo kur'uyu wa 10 Munyonyo 2023,hasozerwa inama y'iminsi 2 yitabwe n'abashingantateka n'abakenguzamateka bo mukarere ka Afrika y'ubuseruko n'abandi bafise ayandi mabanga atandukanye,ku civugo "Uruhara rw'umukenyezi n'umwigeme mu kwitabira amatora".

Uwo muyobozi yagize ati:"Twatunganije iyi nama kugirango abarundi n'abarundikazi turabe ingene ahandi bigenda ko hoba hariho akarusho ahandi mu bindi bihugu vy'aka karere,ko hoba hari intambwe mw'isweukirwa ry'umukenyezi n'umwigeme haba mubibanza bifata ingingo haba no mumatora kuko turiko twitegurira amatora y'2025.Twagomba y'uko abo bashingamateka,abo bakenguzamateka haba abarundi n'abandi bari mubindi bihugu bibanyi biri mukarere ka Afrika y'ubuseruko batubwira ingene babigenjeje,batubwira n'imikenyuro boba barakoresheje kugirango umukenyezi aserukirwe bikwiye"

Ni mugihe ngo basanze mur'ivyo bindi bihugu umukenyezi aronka ikibanza atarinze kugwanira,gitegekanijwe n'amategeko.Nko mugihugu ca Tanzaniya,amategeko aratomora ibitigiri vy'abakenyezi,abigeme ndetse n'urwaruka ruja munzego.Iyo adashikiriwe baca baraba ivyo bamuha kugirango bamutere intege azosubire kwitoza ubukurikira.Muri Kenya ivyo bitigiri biratomowe gushika no mu ntara.Muri Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo bo bash*tse kubice 50 vy'umukenyezi munzego zifata ingingo.Akabirya ngo ni mu Rwanda kuko mugihe c'ukwiyamamaza abakenyezi baronswa imodoka yo kwiyunguruza hamwe n'induhuro ishobora kubafasha iyo baba bari.

Imboneshakure  DE HIDDEN TALENT MEDIA igiye gufasha urwaruka rufise impano zitaraja ahabona kugera kureNzambimana Olivie...
11/11/2023

Imboneshakure DE HIDDEN TALENT MEDIA igiye gufasha urwaruka rufise impano zitaraja ahabona kugera kure

Nzambimana Olivier asanzwe atwara urwego rw'igihugu ruraba ibijanye n'amareresi n'abayatunganya, yabishikirije k'umuhingamo wo kur'uyu wa 10 Munyonyo 2023,aho hari haramutse hugururwa iyo mboneshakure nshasha DE HIDDEN TALENT MEDIA ikorera ku mbuga ngurukanabumenyi.Ibikorwa vyayo
bikazoshimikira ku kumenya no kurondera gukuza impano z'urwaruka rw'i Burundi .

Nayo Minani Ladjabu Ali umuyobozi w'iyo mboneshakure mw'ijambo ryiwe ashima intambwe bagezeko,ati "Hari urwaruka rutari ruke mu Burundi rufise impano ariko ata buryo rufise bwo gutangura gushira indoto zarwo mu ngiro ;hamwe n'urwaruka rufise uburyo ariko ata ndoto rufise ,ata mpano zabo baramenya ;ng'abo bose barafise ikibanza kinini mu mboneshakure DE HIDDEN TALENT MEDIA kuko yuguruwe kubwabo."

Hari kur'uyu wa wa gatanu igenekerezo rya 10 Munyonyo 2023 mu kigobe mu nyubakwa z'ihoteri KIBUNOWA.

 :Leta y'Uburundi yatanze intumbero nshasha izokwisunga kugira haboneke umwimbu w'umusesekaraLeta y'uburundi ibicishije ...
10/11/2023

:Leta y'Uburundi yatanze intumbero nshasha izokwisunga kugira haboneke umwimbu w'umusesekara

Leta y'uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw'ibidukikije uburimyi n'ubworozi ngo yaramaze kwegeranya amatongo,izoshikiriza abarundi canke uwo wese aba mu Burundi yaba umunyamahanga azoba yiyemeje kurima kijambere,Dodico prospère atwara ubwo bushikiranganji yabishikirije kur'uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Munyonyo,mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru,amenyesha intumbero nshasha y'ubwo bushikiranganji.

Yasiguye ko kugirango uwo musesekara uboneke bagiye guhindura ukwo bakora baciye ku bisata bibiri arivyo igisata co kurwiza imbuto n'igisata co kurima no kworora kijambere.Ubwo buhinga kandi bushasha ngo bushimikiye kugutororokanya ibintu vyose bituma abarimyi bose bikorera utwabo boroherwa mu kurima kijambere.

Ni mugihe ngo imigambi Leta yari yasizeho yatumye umwimbu wiyongera, Uburundi bushobora kwimbura ,bugaburira abarundi .Uyu munsi ibiva hanze bikaba ari bike.Umwaka wose ngo urahera abarundi bafungura ivyo bimbuye.Ariko ngo umwimbu nturashika ku rugero rushemeye,ati:"Twipfuza kuronka umusesekara dushore mu karere no mu makungu."

Ikindi yavuze n'uko bafashanije na Leta hazoshirwaho ibigo bigiye kuzokorerwamwo uburimyi bwa kijambere,ibigo vyo kwororeramwo ,ibigo vyo kurwiza imbuto bakoresheje abanyamitahe,bamagarare abantu bose baba abarundi canke abanyamahanga bafise uburambe mu gutunganya amatongo no kuvomera imirima,eka ngo bazonasaba abarundi bose baba abari i Burundi canke mu mahanga bazi gukoresha amamashine ko bagiye kubakenera.

Ibizosabwa kuribo azoba ari kuba bafise uburyo bukwiye,ivyemeza ko itongo bamuhaye azorivomera mbere afise n'amamashine; kuzorima bakwirikije ubuhinga bemeranije ,abafise uburambe muri vyo akaba aribo bazokwakirwa ubwa mbere. Abazoba biyemeje kwinjira muri ubwo burere kurima kijambere basabwa kwandikira ubushikiranganji kugira biyandikishe canke bakakura kuri 69605429 na 69112579

Dans sa mission de marier la culture burundaise et americaine, International Solidarity English Club(ISEC) en sigle étai...
10/11/2023

Dans sa mission de marier la culture burundaise et americaine, International Solidarity English Club(ISEC) en sigle était à l' Cibitoke en mairie de Bujumbura ce vendredi où une cinquantaine d'élèves était ravi d'accueillir ces formateurs et d'apprendre la pronociation en Anglais.

L'accent particulier était mis sur la différence entre la pronociation et l'orthographe des mots ou expressions de la langue anglaise, prononcée non comme un apprentit mais comme un indigène americain.
Au cours de cette séance, le matériel didactique qui était privilégié pour capter l'attention des élèves et susciter leur intérêt de s'exprimer aisement et dans un bon anglais était la radio.
Le formateur en même temps responsable de ISEC Nitunga Ferdinand a utilisé cet outil vers la fin du cours où il a introduit une chanson qu'il a lui même composé en anglais avec des instruments musicaux traditionnels burundais, un signe de liaison de ces deux cultures.
Les élèves chantaient et densaient dans une immense joie.
N'eut été les moyens financier qui fait défaut, cette initiative selon Julien Barinzigo membre fondateur de ISEC serait rependue dans toutes les écoles du pays.
Rappelons que ISEC est une initiative des professionnels de la langue anglaise soutenue par l'ambassade des Etats Unies au Burundi qui se sont mis ensemble pour barrer la route à certains défis liés à la pronociation et relever le niveau bas des écoliers burundais en général et des opérateurs économiques en particulier qui souhaitent bien s'exprimer en anglais.

 :Amahinguriro matomato 7840 yomugihugu hagati azoshigikirwa,ubuzi 39000 bubonekeNi mumugambi w'igihugu PRODER ufashwe m...
10/11/2023

:Amahinguriro matomato 7840 yomugihugu hagati azoshigikirwa,ubuzi 39000 buboneke

Ni mumugambi w'igihugu PRODER ufashwe mumugongo n'ishami rya ONU rijejwe guteza imbere uburimyi FIDA,uzofasha urwaruka rugizwe n'abakenyezi,abagabo hamwe n'abatwa babanyamigambi bo mugihugu hagati bakorera mubisata vy'uburimyi n'ibindi bijanye.Uyo mugambi uzokorera mu ntara 12 zigize igihugu c'Uburundi, ukaba ngo uzanye akarusho kanini kurwaruka harimwo ukuronsa urushika ibihumbi 40 rugizwe ahanini n'abatwa bafise imigambi y'uburimyi aho barima.

Umushikiranganji Dodiko Prosper,arongoye ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ibidukikije atanguza kumugaragaro uwo mugambi yamenyesheje ko ari umugambi udasanzwe kuko uje gutorera inyishu intambamyi zose zitatowe n'iyindi migambi.Ati:"Ni umugambi wizwe neza.Urimwo ivyiyumviro vyose vya Leta y'Uburundi".Bimwe mur'ivyo ngo ni ugutunganya neza amato yo kurima,ugushiraho ibigo vyokorora kijambere,ihinguriro rya kijambere ryo kubaga hamwe n'ibigo vyokugwiza imbuto zirobanuye hamwe n'amaraso mashasha y'ibitungwa.

Ikindi ngo n'uko uje gushigikira umugambi w'ubworozi bw'inkwavu.Ngo mugihe ubu urukwavu rumwe ruvyara incuro 2 gushika kuri 4 gusa mu mwaka ahandi bageze kurugero rw'incuro 8 kumwaka kandi rukavyara hagati ya 10 na 14,mu minsi iza amaraso mashasha ngo azotuma umworozi arindira mu mwaka umwe gusa ni buriburi inkwavu 80 zivutse kurukwavu rumwe.Akamenyesha ko n'intamwe yamaze kuboneka kuko hariko harubakwa ihinguriro rishobora kubaga inkwavu 2000 kw'isaha mbere ko imashine zo kubaga n'amasoko yo gushorera hanze vyamaze kuboneka,ibizotuma amahera mvamakungu aboneka.

Uyo mugambi urimwo uburyo burenga imiriyoni ibihumbi 89 z'amadorari y'Abanyamerika,ukazofasha urwaruka rugera kubihumbi 85.

 : Ishirahamwe   rirahagaritswe umutima n'ingendo yo kwihanira yasubiye kwaduka ...........................................
10/11/2023

: Ishirahamwe rirahagaritswe umutima n'ingendo yo kwihanira yasubiye kwaduka
....................................................................
Ni inyuma yaho mundwi 2 gusa hiciwe umunyeshure Iradukunda Magnefique yahora yiga Inyamparahara muri komine akongera agakora akazi ko kwunguruza abantu kw'ikinga yishwe aciwe izosi, na Petero Nzeyimana wo kumutumba Kinga muntara ya Kayanza yari umuzamu yararira umurima w'ibigori aho yafashe umusuma aje kwiba akamuca igikonjo, abari kumwe n'uwo musuma nabo bakamurengerako bakamutemaguza imipanga mumutwe kugeza aho acikana.

Jean Nayabagabo arongoye ishirahamwe AVDP asaba abajejwe intwaro kuva hasi gushika hejuru ko muri zangendo bamamwo zo kwunviriza ibibazo abanyagihugu bafise bokwama nantaryo babibutsa ko kwihanira atari vyiza kuko bihungabanya agateka ka zina muntu.

Abanyagihugu nabo akabasaba kwitura ubutungane mugihe hari uwufise ico apfa na mugenzi we akanabibutsa ko ata tegeko narimwe ribemerera kwihanira, ico bemerewe gusa ngo n'ugufata inkozi y'ikibi bakayishikiriza abajejwe umutekano.

 :Amahinguriro asabwa kwirimbura ngo ashobore guhiganwa kw'isoko rusangi  yakarere ZLECAFIbibazo vyerekeye impapuro z'ub...
09/11/2023

:Amahinguriro asabwa kwirimbura ngo ashobore guhiganwa kw'isoko rusangi yakarere ZLECAF

Ibibazo vyerekeye impapuro z'ubuziranenge,guhingura vyinshi kandi bikwije ubuziranenge hamwe n'ugukoresha ibikoresho vyoguhingura bigezweho,ngo ni bimwe muvyo amahinguriro yo mu Burundi asabwa kuba yirimbuyemwo akabikura munzira kugirango ashobore kuja guhiganwa kw'isoko ryakarere ZLECAF.

Sakubu Juvenal arongoye Urunani rw'amashirahamwe ahingura mu Burundi AIB kuri uyu wa 9 Munyonyo 2023,aho hari haramutse hugururwa ihayanishwa ry'ibihingurirwa mu Burundi ku ncuro ya gatanu,ryuguruwe n'icegera c'umukuru w'igihugu c'Uburundi Prosper Bazombanza,ku civugo"Isoko rusangi ry'ibihugu vya Afrika:Intambamyi nyamukuru ibuza ibihugu vy'Afrika y'ubuseruko guhiganwa".

Juvénal yagize ati:"Muri rusangi turiteguye ninaco gituma ibikorwa nk'ibi vyateguwe kugirango abantu bose babone ko igisata c'amahinguriro arico guhagurukirwa na kare tugira twinjire mw'isoko rinini ZELIKAF bisaba inguvu nyinshi kugirango dushobore guhingura ibikwiye kandi bikwije amategeko kugirango bishobore guhiganwa kur'iryo soko ryaba iryo mukarere na mpuzamakungu".Yasavye n'amahinguriro ahingura inzoga zikaze kuyashira mu macupa ameneka kwisuganya mumaguru masha nk'uko babisabwa.


Didace Ngendakumana arongoye ikigo c'igihugu kijejwe guha amashirahamwe impusha zo gukorera kumugaragaro,akaba yamenyesheje ko ivyo bishika ikintu cemewe mur'iki gihugu kitemerwa mukindi kuko ngo naho amategeko bariko baragerageza kuyahuza atarashoboka guhura yose,ibikorwa ngo biracabandanya.

Akaba yasavye abahingura kuja baregera ico kigo kibahe amakuru yerekeranye n'ubumenyi bujanye n'igisata baba bagiye gukoreramwo,ibijanye n'isoko haba mugihugu no mukarere kugirango bamenye ivyo basabwa n'ibigezweho kandi kandi izo nyigisho zitangwa kubuntu.Ikindi ngo n'uko kibafasha kuronka impapuro z'ubuziranenge.

 : Abashoferi bazana ibidandazwa biva hanze baridogera   .............................................................Iy...
09/11/2023

: Abashoferi bazana ibidandazwa biva hanze baridogera
.............................................................
Iyo myidogo y'abagendesha imiduga izana ibidandazwa bivuye mu bihugu bitandukanye baciye k'umupaka wa Kobero mu ntara ya Muyinga ifatiye ahanini k'umwanya bamara aho k'umupaka barindiriye gutunganirizwa n'abakozi b'ikigo c'igihugu kijejwe gutoza amakori n'amatagisi (OBR).

Bamwe muri abo banyonzi b'ivyo biduga bavuga ko bashobora kuhamara hagati y'umunsi umwe n'iminsi itatu bivanye n'uko ibikorwa vyo kubarura no gutanga impapuro zemeza ibidandazwa vyinjijwe mu gihugu.

Amakuru dukesha abo banyonzi akaba yemeza ko uko guteba kw'ibikorwa aho k'umupaka wa Kobero, ngo akenshi biva kuri interineti idakwiye irangwa muri ako karere.
Bakaba basaba ko umuvuduko wa interineti wokwongerezwa aho I kobero.
Ivyo ngo bizofasha mu gutunganya gushasha ibikorwa gutyo ivyo gutakaza akanya urindiriye b**abanuke.

 : Abarimyi bafise ubwoba ko imwimbu w'ibigori uzohava ugabanuka...........................................................
09/11/2023

: Abarimyi bafise ubwoba ko imwimbu w'ibigori uzohava ugabanuka......................................................................

Abanyagihugu bo muri komine komine Gisagara zone Camazi bafise amakenga ko umwimbu w'ibigori utazob mwiza biturutse ku mvura yatasuye nabi muri ako karere.

Abo banyagihugu bo mu bakaba bavuga ko imvura yagiye iratasura ibice bice k'uburyo, gushika uyu munsi hari abakiriko bararima, abandi n'abo bakiriko barateragira imbuto z'ibiharage n'ibigori.

Iruhande y'iyo mvura, ngo n'imbuto y'ibigori yarabagoye kuronka kuko abenshi bahisemwo gutera imbuto za kera kubwo kubura uko bagira.
Bakaba babona ko ivyo bibandanije ata mwimbu ushemeye bazoronka muri iri rima ry'agatasi.
Bagasaba leta kuba irategekanya imbuto zera kare kugira ngo irima rikwirikira ntirizocererwe

 :Harashizweho indinganizo y'ibizokorwa muguteza imbere igisata c'ubutare mu BurundiKugwiza ubushakashatsi mur'ico gisat...
08/11/2023

:Harashizweho indinganizo y'ibizokorwa muguteza imbere igisata c'ubutare mu Burundi

Kugwiza ubushakashatsi mur'ico gisata,gukomeza intwaro ibereye mugukorera kumugaragaro be n'uko Uburundi bwosaba kwinjira mw'ishirahamwe rihimiriza amahinguriro yimba ubutare gukorera kumugaragaro,ugushiraho amakori atawo arenganya kandi atuma abanyamitahe bahurumbira ico gisata,gukurikirana neza inzira ubutare bufata no kwemeza aho bwavuye nogukurikirana ahari icukugwa ryabwo,...ni bimwe mubiri mucegeranyo c'inamanshikiranganji yo kuwa 6 Munyonyo 2023.

Iyo nteguro y'ibwirizwa isigaje gushigwako umukono gusa yashikirijwe n'umushikiranganji Ibrahim Uwizeye,muvyo ajejwe harimwo ubutare.Ikaba yizwe mu ntumbero y'uko ico gisata coba kirumara kuruta kuko ngo Uburundi bufise ubutare bwinshi butaracukurwa, bushobora kuba isoko ry'amahera n'ubuzi kubantu benshi ariko Reta ikabonako intererano mur'ico gisata iguma ari nto cane uravye ico abantu bari bacitezeko.Ivyatumye ifata ingingo y'uguhagarika amasezerano atari make yogucukura ubutare mu mwaka wa 2021,mukurindira ko haboneka ibwirizwa rishasha rigenga ubutare,iryo naryo rikaba ryateweko umukono muri Myandagaro umwaka wa 2023 kandi rikaba ryarazanye impinduka zitari nke nk'uko Prosper Ntahorwamiye,umuvugizi wa Reta y'Uburundi yabishikirije.

Ivyo bikorwa bizotangura gushirwa mu ngiro kuva muri uku kwezi kwa Munyonyo 2023.Gusubira gutangura kuganira kumasezerano y'ugucukura ubutare yahagaritswe bitegekanijwe muri Nzero 2024.Ugushiraho itegeko nshikiranganji ryerekeye ibidukikije bifatiye kugisata c'ubutare,muri Ndamukiza 2024 nayo ukugurura ikibanza kimwe kizokwerekana ibice birimwo ubutare bikaba bitegekanijwe muri Kigarama 2024.

Intara 3 zihereye k'umupaka zifise abarwayi benshi b'ingwara yo mu kigo ...................................................
08/11/2023

Intara 3 zihereye k'umupaka zifise abarwayi benshi b'ingwara yo mu kigo
....................................................................

Mu vyirwa vyakozwe na muganga Josiane Nijimbere ku bitaro Urumuri vy'i Gitega vyakira abafise iyo ngwara, cerekanye ko intara za Muyinga Kirundo na Cibitoke arizo zifise abigeme n'abapfasoni benshi bafise ingwara yo mukigo bavyitura.
Ivyo biharuro vyerekana ko intara ya Muyinga ariyo iza ubwambere ifise ibice 11,50%, Cibitoke 11,35%, Kirundo igafita 11, 32% nayo Bujumbura Mairie ikaza ubwanyuma n'ibice 1,33%.
Ariko abantu benshi twaganiriye baremeza ko ivyo bitigiri no muzindi ntara bishobora kuba ari umurengera kuko benshi batinya kuja ahabona iyo bamaze kubona ko bayanduye, bagaca binyegeze kubera gutinya ko babatwenga.

Mwomenya ko ingwara yo mukigo ifata abakenyezi bariko bibarukira bagateba kurwahi, canke igafata abigeme bavyara hataragera kuko baba batarakomera.
Irafata kandi n'abakunda kwibarukira muhira bigoranye canke bagiye kwa muganga bagateba kuronka umuganga abakira.

Umwana ashaka kuvuka iyo atevye, umupfasoni bikanka ko amushikana bituma yonona udusaho ducamwo umwanda mukuru na mutoya, ivyo navyo bikagira ingaruka mbi kumagara y'umuvyeyi kuko ataba agishobora kwihangana iyo ashatse kwihagarika kubera umwanda mukuru na mutoya bizira rimwe kandi b**aca inzir'imwe.

Abafata ingendo mu bihugu vy'akarere ka COMESA bagiye kworoherwaAbanyonga imodoka zitwara ibidandazwa zirenga imbibe mu ...
07/11/2023

Abafata ingendo mu bihugu vy'akarere ka COMESA bagiye kworoherwa

Abanyonga imodoka zitwara ibidandazwa zirenga imbibe mu karere k'ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe COMESA bagiye kworoherwa mu gukoresha ikarata imwe y'ubwishingizi.Ni mu gihe bari basanzwe bagenda barateba ku mbibe z'igihugu kuko kimwe kimwe cabasaba ubwishingizi.

Ndagijimana Charles,umuhuzabikorwa mw'ishirahamwe SOCABU mu nama igira 37 izomara imisi itatu mw'ihoteri KlRIRI GARDEN,kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Munyonyo, ikaba ihurikiwemwo n'abaserukiye ibihugu cumi na bitatu bigize COMESA yavuze ati:"Igikorwa co gutanga ubwishingizi butuma abantu barenga imbibe batarinze kugenda baraca ku gihugu kimwe kimwe basaba ubwishingizi bw'ico gihugu.Ni ubwishingizi butuma umuntu ariko ararengana ku mbibe z'igihugu agize isanganya ,hakagira ivyo yonona ; bishobora kurihwa n'ishirahamwe ry'igisata ca COMESA batarinze kuja kurondera igihugu yaguriyemwo ikarata."

Marie Chantal Nijimbere,Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ubudandaji ,yugurura iyo nama yavuze ati:"Iyo karata izofasha cane mu ngendo ,ikureho ugucererwa kw'abadandaza ku mbibe z'ibihugu vya COMESA.SOCABU n'ibigo bikorana bisanzwe bitunganije neza kugira bikorane neza n'ishirahamwe ry'akarere."

CALVEN MUTYAVAVIRI umuhuzabikorwa muri COMESA akaba yavuze ko iyo nama igira 37 iriko ibera i Bujumbura yerekeranye n'ikarata y'ubwishingizi ihambaye cane.Ikazotuma ingenzi zo mu turere tw'ibihugu biri mw'ishirahamwe COMESA zoroherwa.

 :Integuro y'amafaranga Reta ikoresha ikwiye kwisunga ivyipfuzo vy'abanyagihuguIbwirizwa nshingiro ry'Uburundi rirategek...
07/11/2023

:Integuro y'amafaranga Reta ikoresha ikwiye kwisunga ivyipfuzo vy'abanyagihugu

Ibwirizwa nshingiro ry'Uburundi rirategekanya ko integuro y'amahera Reta ikoresha yisunga ivyipfuzo vy'abanyagihugu ariko ntibirashirwa mu ngiro.Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME yabishikirije kur'uyu wa 7 Gitugutu 2023 mu kiganiro co gusuzuma ingene Reta ikoresha uburyo buri mwaka.Mur'ico kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru yashikirije ko Reta yoronderera ahandi ikura uburyo atari ukuduza itagisi ku bantu batobato.

Ni mugihe igihugu gifise ideni rirenga uburyo gikoresha kumwaka,ayo izokoresha uyu mwaka wa 2023 nayo yiyongereye ku bice 60 kw'ijana ugereranije n'umwaka uheze.Ngo Reta itegerezwa kurondera uburyo buvuye hanze buza gusahiriza,na canecane amakori agakora mu bisata bituma umwimbu wiyongera,nkuko vyashikirijwe n'umuhinga muvy'ubutunzi,Diomède Ninteretse.

Ikindi ngo ni ukunagura ibiterwa njabukamazi vyahagaze kugirango ubwo buryo buve muvyo igihugu cashoye kandi ntisubire gusaba amadeni mw'ibanki canke kiyasabe gake kandi iyo bikenewe kuko abantu batobato batakironka amadeni kuko Reta iyatora mugihugu.Ati:"Aha honyene niho igihugu gishobora kogorora hako haba ugutora utuntu dutoduto tununuza abantu batoya,haca haba imyidogo abantu ntibakore".

Agasaba ko naho ikigega c'isi cemeye kubandanya gifasha Uburundi,igihugu cokwihutira gukomeza demokarasi n'agateka kazina muntu,abantu bahunze igihugu bagahunguka kugirango arya mafaranga abari basanzwe bafasha Uburundi bafashisha impunzi ziri mu Rwanda,Tanzaniya na Kenya aze afashe nk'uko vyahora.Kuko imbere y'umwaka wa 2015 yarenga obice 50 kw'ijana ariko ubu yagabanutse kugeza kurugero rwa 25 kw'ijana,ibituma habura amahera y'agaciro.

 : Ibiciro vya Essance na Mazout vyagabanijwe, nayo igiciro ca Pétrole kiraduzwa...........................................
06/11/2023

: Ibiciro vya Essance na Mazout vyagabanijwe, nayo igiciro ca Pétrole kiraduzwa...............................................................
Mwitangazo ryasomwe n'umushikiranganji w'amazi meza ubutare n'agataka, ahejeje gufata ingingo yo kugabanya ibiciro vya Essance na Mazout nayonPetrole arayiduza asigura ko iyo ngingo yayifashe kubera vyagabanutse kw'isoko mpuzamakungu, ndetse n'ibiciro vyo kubishikana mu Burundi ngo vyagabanutse.
Mu ntara zose zigize igihugu, imwe yose ifise igiciro cayo.
Nko mugisagara ca Bujumbura, Essance yavuye ku 4550 kw'iritiro imanuka ku 4350, nayo iritiro rya Mazout iva 4395 rimanuka kuri 4235.
Petrole yo yaduze iva 4150 kw'Iritiro ija 4250.
No mugihugu hagati bikaba vyaduze kuntara kuntara.
Umushikiranganji Ibrahim uwizeye yasavye abacuruza igitoro bose guhera ejo aho bukera ko bokwubahiriza ivyo biciro bakivyumva.
Yaboneyeho kumenyesha yuko ibiciro vy'igitoro bizoza birahindagurika bivanye n'ingene biriko bihindagurika kw'isoko mpuzamakungu

Address

Avenue Patriçe Rumumba
Bujumbura

Telephone

+25768020708

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Burunga posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Burunga:

Videos

Share