Radio Indundi Culture FM

Radio Indundi Culture FM Société de médias /d'actualités

Umurwi Delta Star niwo waronse uburenganzira bwo gukina mu Cicaro ca KabiriUwo murwi wo mu ntara ya Bujumbura benshi bit...
22/11/2023

Umurwi Delta Star niwo waronse uburenganzira bwo gukina mu Cicaro ca Kabiri

Uwo murwi wo mu ntara ya Bujumbura benshi bita Rural # ugarutse mu cicaro ca Kabiri (Ligue Nationale B) inyuma y'umwaka umwe uwo murwi usanzwe ukorera imyimenyerezo mu Gatumba umanutse mu cicaro ca Gatatu. Delta Star mu nkino 2 zo kurondera Umurwi uzoduga mu Cicaro ca kabiri wakinye na AC Musongati, urukino rwa mbere rwari rwarangiye ari igitsindo kimwe Ku kindi (1-1),n'urukino rugira Kabiri rukaba rurangiye ukwo nyene igitsindo kimwe Ku kindi( 1-1).

Iyo mirwi yaciye itandukanwa n'imipira y'imiterekano (2-0) mu rukino rwariko rurabera kukibuga c'ubuhinga mu gisagara ca Bujumbura .

Mwomenyako Umumenyereza Amouri Manirakiza yaciye mu mirwi y'abigeme ariwe afashije Umurwi Delta Star kugaruka gukina ihiganwa ry'icicaro ca Kabiri .

22/11/2023

Kurikirana ikibiriraho ikiganiro c'Umuziki kuri Radio Indundi Culture

22/11/2023

Ingoma z'u ziguma zibica bigacika mw'ihayanisha gurisha mugisata ca bamukera rugendo muri y'ubuseruko ku ncuro ya gatatu ririko ribera mu gisagara ca muri

19/11/2023

Rukino rwo kurondera itike ryo kwitabira igikombe c’Isi c’umwaka wa 2026 baza gutana mu mitwe na Gabon igihe c’isaha icenda ( 15h00) Ku kibuga ca Benjamin Mukapa.

19/11/2023

Kurikirana ikibiriraho ikiganiro IKIVI N'IKIYAGO kuri Radio Indundi Culture FM

Sudi Abdallah ntazoboneka mu rutonde rw’abakinyi b’Intamba mu rugamba bazotana mu mitwe na Gabon kuri uyu w’Imana igenek...
18/11/2023

Sudi Abdallah ntazoboneka mu rutonde rw’abakinyi b’Intamba mu rugamba bazotana mu mitwe na Gabon kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 19 Munyonyo 2023 Isaha icenda ( 15h00) amasaha y’Uburundi .

Imvo izotuma Sudi Abdallah ataboneka mu kibuga n’uko yababaye mu rukino ruheruka rwabahuje Na Gambia .

Mwomenya ko Intamba mu rugamba zakoze imyimenyerezo yanyuma imbere y’uko yakira Gabon , iyo myimenyerezo ikaba yari yitabiwe n’icegera ca mbere c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB ) Arcade Nimubona .

Bakunzi b'umurwi nserukira Gihugu Intamba mu rugamba mwitegure kuri uwu w'Imana igenekerezo rya 19 Munyonyo 2023.Igihe c...
18/11/2023

Bakunzi b'umurwi nserukira Gihugu Intamba mu rugamba mwitegure kuri uwu w'Imana igenekerezo rya 19 Munyonyo 2023.

Igihe c'isaha icenda z'umuhingamo (15h00), Umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba uzokina n'igihugu ca Gabon mu ntumbero yo kurondera itike ryo gukina igikombe c'isi mu co mwaka wa 2026.

Urwo rukino ruzzoca ikibiriraho kuri radio Indundi Culture muciye kuri 88.2Mhz na 99.9Mhz no kuri page ya RadioIndundiculture
Mwoba mumaze kwiha igicapo c'uko bazotsindana? N'aye mahigwe muha Intamba mu Rugamba .



zacu

18/11/2023

Ikibiriraho kukibuga Urunani hagati ya Vital'o FC na Inter Star

Inkuru y'Umubabaro mu muryango wa  😢.Jean Jean umwe mubari  mw'ihiganwa ryo gusiganwa ku miduga yitavye Imana .Umu pilot...
18/11/2023

Inkuru y'Umubabaro mu muryango wa 😢.

Jean Jean umwe mubari mw'ihiganwa ryo gusiganwa ku miduga yitavye Imana .

Umu pilote Jean Jean ahejeje kwitabira Imana iyo bari muri Rallye yariko ibera mu ntara ya Gitega😭.

Amakuru ava ahariko habera iryo higanwa avuga ko uwo yitavye Imana yasohotse mu muduga aca arwa hasi bamutwaye kwa muganga basanga yamaze gucikana.
Radio indundi culture ikaba ihojeje umuryango wabuze, kumwe n'umuryango wa Club automobile du Burundi

Imana imwakire mu bwami bwayo 😭😭😭R.IP

Abakunzi b'ihiganwa rya   ku ndwi ya 14 kw'igenekerezo rya 18 Munyonyo 2023 mu ntara ya   ntibizoba vyoroshe.Igihe c'isa...
18/11/2023

Abakunzi b'ihiganwa rya ku ndwi ya 14 kw'igenekerezo rya 18 Munyonyo 2023 mu ntara ya ntibizoba vyoroshe.

Igihe c'isaha icenda n'iminota 30 z'umuhingamo (15h30min) Ku kibuga Urunani,Umurwi uzoba uriko urakina na Star.

Urwo rukino rukazoca ikibiriraho kuri radio Indundi Culture muciye kuri 88.2Mhz na 99.9Mhz no kuri page ya Facebook uciye kuri Radioindundiculture you tube ya indundi TV

Indundi Culture

Mbega kubwanyu guharika vyotorerwa umuti gute?Kurikira Ikiganiro  -Ijambo gikorwa mu mugambi ''Jewe  nawe mw'iterambere"...
17/11/2023

Mbega kubwanyu guharika vyotorerwa umuti gute?
Kurikira Ikiganiro -Ijambo gikorwa mu mugambi ''Jewe nawe mw'iterambere" mukagitegurirwa na igisata co kumenyesha amakuru c'ishirahamwe mpuzamakungu Search For Common Ground in Burundi .

Kuri Radio Indundi Culture FM ni 88.2 Mhz na 99.9 Mhz canke indundiculture.com ni kuri uyu wa gatandatatu igenekerezo rya 18.11.2023 isaha zibiri z'igitondo(8h00).

Mushobora kugira ico mushikirije kuri runo rubuga canke inyuma y'ikiganiro mukwakura kuri 68246592

Sangwe ikaze

17/11/2023

Kurikira Ikiganiro Kuri Radio Indundi Culture

17/11/2023

-Étienne Ndayiragije inyuma yo gutsinda Gambia ngo icizere co gutsinda Gabon naco ni ibice 1000%

-Umumenyereza wa Gambia Tom Saintfielt aremera ko Uburundi bukomeye cane rwose kandi bushobora gukina ihignwa iryariryo ryose

-Primus League indwi ya 14, Vital'o barambikana na Inter star

-Mu Cicaro ca Kabiri Bujumbura City baratakaje urukino rwa mbere.

-Eliminatoires mondiales 2026

-Ayavurwa Ku mugabane wa Buraya

Uburundi buhejeje kuronka amanota 3 mu rukino rwariko rurabuhuza n'igihugu ca  , aho urukino rurangiye ari ibitsindo 3 v...
16/11/2023

Uburundi buhejeje kuronka amanota 3 mu rukino rwariko rurabuhuza n'igihugu ca , aho urukino rurangiye ari ibitsindo 3 vy'umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba kuri 2 vya .

Mwakiriye gute iyo ntsinzi?



Urutonde rw’abakinyi 11 b’Intamba mu rugamba baza gutangura mu kibuga mu rukino ruza kubahuza na Gambia igihe c’isaha ic...
16/11/2023

Urutonde rw’abakinyi 11 b’Intamba mu rugamba baza gutangura mu kibuga mu rukino ruza kubahuza na Gambia igihe c’isaha icenda ( 15h00).

16/11/2023

- Uburundi bugiye gukina na Gambia , Menya abakinyi bikekwako bashobora gutangura mu kibuga

-Ihiganwa ry'icicaro ca Kabiri rigiye gutangura kuri uwu wa kane

-Urwanda rwaraye ruronse inota rimwe Imbere ya Zimbabwe

-Senegal yabatarenza imyaka 17 babandanya kwigenza neza muri Indonésie

-Fc Barcelone nyamba yipfuza kuguma Cancelo na Félix yari amafaranga bategerezwa gutanga

15/11/2023

Kurikira ikibiriraho ikiganiro BWIZA Kuri Radio Indundi Culture

15/11/2023

Kurikira ikibiriraho ikiganiro Kuri Radio Indundi Culture

Mukiganiro Indundi hits show co kuri uyu wagatatu igenekerezo rya15 Munyonyo 2023Umutumire wacu ni  Muraza kumenya vyins...
15/11/2023

Mukiganiro Indundi hits show co kuri uyu wagatatu igenekerezo rya15 Munyonyo 2023
Umutumire wacu ni
Muraza kumenya vyinshi k'indurimbo yiwe yise "Nina ishi"isano ifitanye n'ubuzima bwiwe
ni kuri



guhera isaha umunani gushika isaha icumi(14h-16h)

15/11/2023
15/11/2023

-Uburundi bubandanya imyimenyerezo yo kwakira Gambia na Gabon

-Ihiganwa ry'icicaro ca Kabiri rigiye kugaruka

-Amagenekerezo y'inkino zibiri zo kurondera uburenganzira bwo gukina icicaro ca Kabiri yamenyekanye

-Urwanda ryiteguriye gute Zimbabwe

-Ayavurwa mu murwi Nserukira bihugu Ku mugabane wa Buraya

Bakunzi b'umurwi nserukira Gihugu Intamba mu rugamba mwitegure kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Munyonyo 2023.Igihe c...
15/11/2023

Bakunzi b'umurwi nserukira Gihugu Intamba mu rugamba mwitegure kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Munyonyo 2023.

Igihe c'isaha icenda z'umuhingamo (15h00), Umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba uzokina n'igihugu ca Gambia muntumbero yo kurondera itike yo gukina igikombe c'isi co mu mwaka wa 2026.

Urwo rukino ruzoca ikibiriraho kuri Radio Indundi Culture.Mushobora kurukurikira muciye kuri 88.2Mhz na 99.9Mhz no kuri page ya RadioIndundiculture



zacu

14/11/2023

Kurikira ikibiriraho ikiganiro c'inkino Indundi Hits Show Kuri Radio Indundi Culture

Frédéric Nsabiyumva yatowe nk’umukinyi mwiza akina inyuma muri Suède Myugariro w’Intamba mu rugamba Nsabiyumva Frédéric ...
14/11/2023

Frédéric Nsabiyumva yatowe nk’umukinyi mwiza akina inyuma muri Suède

Myugariro w’Intamba mu rugamba Nsabiyumva Frédéric yatowe nk’umukinyi mwiza akina inyuma ( Meilleur défenseur) mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Suède.

Iryo torwa ryiwe rikaba ryaraye ribaye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 13 Munyonyo 2023 , aho ni inyuma y’uko umugwi akinamwo wa VSK Fotball udugiye mu cicaro ca mbere .

Uwo mugwi wa VSK Fotboll warangije ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere n’amanota 63 mu nkino 30, winjiza ibitsindo 48 , utsindwa ibitsindo 24.

Mwomenyako Frédéric Nsabiyumva yongerewe amasezerano y’Imyaka 2 muri uwo mugwi a VSK Fotboll.

14/11/2023

DU 14.11.2023 bugiye kwitwara gute Imbere ya Gambia na Gabon?

-Ihiganwa ry'icicaro ca Kabiri rigiye kugaruka
-Mamelodi Sundowns yitwarira igikombe ca African Football Ligue kuncuro yambere
-Ivya Mbappe muri Real Madrid
-Joao Cancelo na Joao Félix muri FC Barcelone hari gishasha

Radio Indundi Culture yakiranye umubabaro urupfu rw'umumenyeshamakuru akongera akaba n'umuyobozi w'iradiyo Bonesha FM  E...
13/11/2023

Radio Indundi Culture yakiranye umubabaro urupfu rw'umumenyeshamakuru akongera akaba n'umuyobozi w'iradiyo Bonesha FM Egide Ndayisenga.

Egide Ndayisenga yitavye Imana kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 ukwezi kwa cumi na rimwe umwaka wa 2023 ahitanywe n'indwara mu bitaro Maison médicale aho yararwariye kuva kuri uyu wa 6.

Radio Indundi Culture FM irahojeje umuryango wa Egide Ndayisenga n'umuryango w'a bamenyeshamakuru bose.

Imana imwakire mu bwami bwayo

13/11/2023

Kurikira ikibiriraho ikiganiro k'iwacu Kuri Radio Indundi Culture

13/11/2023

INDUNDI SPORTS 13.11.2023
-Umurwi nserukira Gihugu Intamba murugamba w'abigeme ntiworohewe muri congo
-Primus League,Umurwi Vital'o FC wabandanije mu kibanza ca mbere

12/11/2023

Abakunzi b'ihiganwa rya Primus Ligue Burundi kundwi ya 13, kw'igenekerezo rya 12 Munyonyo 2023 mu ntara ya Cibitoke ntibizoba vyoroshe.

Igihe c'isaha icenda z'umuhingamo (15h) Ku kibuga Urunani,Umurwi Vital'o FC uzoba uriko urakina na Bumamuru wo mu ntara ya Cibitoke .

Urwo rukino rukazoca ikibiriraho kuri radio Indundi Culture muciye kuri 88.2Mhz na 99.9Mhz no kuri page ya Facebook uciye kuri Radioindundiculture

Indundi Culture

12/11/2023

Kurikira ikibiriraho ikiganiro n'Ikiyago kuri Radio Indundi Culture

Abakunzi b'ihiganwa rya   ku ndwi ya 13 hazoba ari  kw'igenekerezo rya 12 Munyonyo 2023 mu ntara ya   ntibizoba vyoroshe...
11/11/2023

Abakunzi b'ihiganwa rya ku ndwi ya 13 hazoba ari kw'igenekerezo rya 12 Munyonyo 2023 mu ntara ya ntibizoba vyoroshe.

Igihe c'isaha icenda z'umuhingamo (15h) Ku kibuga Urunani,Umurwi uzoba uriko urakina na wo mu ntara ya .

Urwo rukino rukazoca ikibiriraho kuri radio Indundi Culture muciye kuri 88.2Mhz na 99.9Mhz no kuri page ya Facebook uciye kuri Radioindundiculture

Indundi Culture

11/11/2023

Kurikira ikibiriraho ikiganiro kuri Radio Indundi Culture

11/11/2023

Turi aba mbere muvyo kugwiza uburaro mu gihugu.| Ihweze neza bimwe mu bikorwa BMBC iriko irakora mu gihugu c'Uburundi

Mbega kubwawe umugenzo wo guharika ugira inkurikizi izihe mw'iterambere ryo mukibano?Ikibano cokwifata gute mu gushigiki...
10/11/2023

Mbega kubwawe umugenzo wo guharika ugira inkurikizi izihe mw'iterambere ryo mukibano?Ikibano cokwifata gute mu gushigikira umukenyezi aharitswe ? Ido n'ido ni mukiganiro Duhane ijambo ca Studio Ijambo mumugambi JEWE NAWE MWITERAMBERE. Muzogikurikira kuri Radio Indundi Culture 88.2 Mhz na 99.9 Mhz canke indundiculture.com. Mushobora kugira ico mushikirije kuri kuri runo rubuga nyene canke inyuma yikiganiro mukwakura mukurungika sms kuri 68246592
Sangwe ikaze

Address

Bujumbura
489

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio Indundi Culture FM posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Radio Indundi Culture FM:

Videos

Share

Category



You may also like