𝐓𝐡𝐫𝐞𝐞 𝐢𝐧 𝐎𝐧𝐞

𝐓𝐡𝐫𝐞𝐞 𝐢𝐧 𝐎𝐧𝐞 IKIBANZA C'IKANGURO N'INKURU NZIZA KURI BOSE

IVYARANZE AMAKORANIRO Y'ABIGEME KU MUSI WA GATANDATU, IGENEKEREZO RYA 12/10/2024••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••...
13/10/2024

IVYARANZE AMAKORANIRO Y'ABIGEME KU MUSI WA GATANDATU, IGENEKEREZO RYA 12/10/2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••

Thème : "GUERIR LES BLESSURES AVANT DE S'ENGEGER AU MARIAGE"

Imbere yuko ukira ibikomere :

1. Kwemera ubwambere na mbere ko wakomeretse.
2. Kwemera gukúra no gufata ibintu vyawe mu minwe.
Ubundi ntiturondera gukira kubera ko tuzoja kwubaka(gushinga ingo zacu).

Ariko gukira ni inyugu zanje ubwanje kuko iyo umuntu yakomeretse ntakire akomeretsa abamukikuje Bose .

Ubwoko 7 bw'ibikomere tugendana

1. Gutabwa
2. Guhemukigwa
3. Ubunyakamwe canke kuba impfuvyi
4. Ubukene
5. Ubumuga bwo kumubiri
6. Gutandukana kw'abavyeyi
7. Kubura urukundo rw'abavyeyi

Twasanze imizi y'ibikomere aho ikomoka ari uko usanga twihutira gushaka kuronka vyose tukibagira ko uwukenewe mu bu*ima bwacu ari Yesu Christo.

Abikolosayi 3:1-3

Amakoraniro yo ku musi w'Imana, igenekerezo rya 13/10/ 2024••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••Umwigis...
13/10/2024

Amakoraniro yo ku musi w'Imana, igenekerezo rya 13/10/ 2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••

Umwigisha : Pst. Patrick NDIKUMANA
Icivugo:"UBUSHOBOZI BURI MU KIMAZI"
Icigwa : - 1Ngoma 21:13-18


Nk'aba Kristu twari dukwiye kumenya inkingi zitanu(5) zigize ubu*ima bw'Ishengero:
1. UKWIZERA
2. UKWEZWA
3. IKIMAZI
4. AMASENGESHO
5. UBUMWE bufatanye n'Urukundo

Muri izo nkingi Ikimazi Kiri mukizigize. Rero nk'aba Kristo twari dukwiye kuba ikimazi ubwacu twebwe nyene (dukorere Imana nk'abazopfa ejo), tukaba kandi abatanga ikimazi mu vyo Imana Yaduhezagije.

Mbega Imana Yoguharurira(Yoduharurira) ikigu*i c'ivyo Yaguhaye(Yaduhaye) canke Iguha(Iduha)(impwemu duhema,...) woronka(tworonka) ikigu*i co kubiriha?
Ico ni ikibazo buri mu Kristo wese yarakwiye kwibaza, tukamenya ko ivyo dutunze vyose canke uko tumeze atari kubwo inguvu zacu ahubwo ari Ubuntu bwayo(Imana) gusa.

Ntakindi rero Imana Idushakako atari kuyiha ikimazi c'amashimwe c'ivyo Yama Idukorera biciye mu gutanga hamwe no kwitanga ubwacu twebwe nyene. Amen!

Amakoraniro yo Guhimbaza no Gutazira, igenekerezo rya 11/10/ 2024••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••U...
11/10/2024

Amakoraniro yo Guhimbaza no Gutazira, igenekerezo rya 11/10/ 2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••

Umwigisha: Lievin MUNEZERO
Icivugo: "VYOSE UKORA UBIVANGE NO KUGOROROKA"
Icigwa: -Matayo 25:31
-Amosi 5:21

Ijambo ry'Imana ritwereka ukuntu Yesu Kristo azoza n'ubwiza bwiwe hamwe n'icubahiro gisumba vyose kandi aho twese tuzoba duhari ntawuzoba aruw'icubahiro, nta munyamafaranga azoba ahari, umutunzi, umukene twese tuzoba tuhari tureha(ntawuzoba asumba uwundi).

Ariko impene zizoja ibubamfu aribo bakora ibizira, intama nazo iburyo aribo bagororotsi.

Haraho tugaragara nkaho twese dusa turi mu Ngoro y'Imana twihishahisha, ariko ico gihe bizosobanuka abukuri n'ababenshi bazomenyekana.

Abenshi turiko turondera inyongera aho gushaka kwanza ubwami bw'Imana no kugororoka. Woba uriko ararondera amafaranga, akazi, ushaka urugo,... . Ariko vyotubera Ikimazi vyose tubivanze n'Ukugororoka kugira ntituze tube abazoshika imbere y'Uhoraho ngo tubwirwe ati sinigeze mbamenya.

Naho zoba intambara uriko uracamwo zose zirwane uri uwugororokeye Imana kandi ivyo uriko urarondera vyose Uhoraho Ntananiwe no kubiguha ariko mugihe ugitegereje inyishu y'Imana shishikara kugororoka.

Ushobora kuba usenga, utanga amashikanwa canke ibimazi wibaza ko uriko ubikora neza ariko vyose bitari mu kugororoka ni ubusa ntaco bivuze imbere y'Imana. Amen!

Amakoraniro yo ku musi w'Imana, igenekerezo rya 06/10/ 2024••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••Umwigis...
06/10/2024

Amakoraniro yo ku musi w'Imana, igenekerezo rya 06/10/ 2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••

Umwigisha : Pasteur Tumsifu
Icivugo:"EMERA KUBA UMUNTU YIBUKA MU BUZIMA BWAWE"
Icigwa : - Luka 17:17
- Yona 1:1-9

Ijambo riratwereka uko Yesu yagiriye neza abantu 10 bari barwaye imibembe ariko igitangaje muri abo 10 hakaba hagarutse 1 gushima.

Kumbure barya icenda bibajije ko Yesu ari umuhungu wa Yozefu babishiramwo no kumukengera kuko batari bazi uwo ari we n'ubwo bamubona aho bituma bibwira ko batohava basubira inyuma gushimira umuntu nka we n'ubwo bari babonye ko bakize.

Dawidi mu butama bwiwe arabwira Salomo ko hariho uwamugiriye ineza mu buto bwiwe n'ubwo yariko arasaza ariko amusaba ko urya muntu umwana wiwe yosangirira/yozosangirira na we kugeza ( sic).

Ushobora kuba utosubirizwa mu nkoko wewe ubwawe n'uwo wagiriye neza ariko abawe bakazokwishurwa ineza wasize ukoze.

Birashoboka nawe ko hariho uwakugiriye neza kugira ugere aho ugeze muri ukwo kuntu wibona usayangana, mbega woba umaze kuja kumushimira n'imiburiburi ucishije mu majambo ku vyo yagukoreye?

Abantu benshi twarakorewe ineza ariko turananirwa/ biratunanira kwibuka ngo dushimire Imana.

Ako kazi ufise urazi incuro bamaze kukubwira ko u*irukanwa ariko imyaka n'imyaka iraheze ukigafise. Wibaza ko harico wahaye Imana? Mbega kuba wewe waravyaye ugaheka wibaza ko abo bitarakundira /bitakunze nabo bitari kubabera? Gerageza ube umuntu yama yibuka ibihe vyose .

Birashoboka ko woba waravunitse umutima kubera wakoreye ineza benshi ntibakwibuka canke nawe ukaba uri mu bantu batibuka ababagiriye neza, ariko ukwibuka gukwiye kuba mu bu*ima bwacu. Subiza amaso yawe inyuma kandi ni wewe u*i aho Imana yagukuye. Amen!

05/10/2024

CONFERENCE DES FILLES
••••••••••••••••••••••••••••

Thème:"GUERIR LES BLESSURES EMOTIONNELLES AVANT DE S'ENGAGER AU MARIAGE".

Bienvenues à tous!

Amakoraniro yo guhimbaza no gutazira ImanaYo kw'igenekerezo rya 04/10/ 2024••••••••••••••••••••••••••••••••••Umwigisha :...
04/10/2024

Amakoraniro yo guhimbaza no gutazira Imana
Yo kw'igenekerezo rya 04/10/ 2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••

Umwigisha : Pasteur Tumsifu
Icivugo:"GUHIMBAZA IMANA"
Icirwa: - Ivyakozwe n'Intumwa 16:23-26

Mu Guhimbaza no Gutazira Imana harimwo kubohoka, gucirirwa inzira y'ubu*ima,...
Mwene Data niwashaka kubona Ubuntu bw'Imana, Yihimbaze uYirata.

Amajambo udakwiye(tudakwiye) kubura mukanwa kawe(kacu) ni Ayo kuvuga ati Mana uri nkuru, Urabereye, Ntawusa naWe, Usumba vyose, Uri kibirengeye,...

Ukwo usa(dusa), amashure yawe(yacu), ubutunzi bwawe(bwanje),... ivyo ntaco bimaze kandi ntukavyiratire(ntitukavyiratire) kuko vyose ni Ubuntu bw'Imana, niyo mpamvu Ikwiriye Guhimbazwa ibihe vyose. Amen!

Kubigeme mugeze mu bigero iri sango ni iryanyu, ni kw'igenekerezo rya 12/10/2024 ahasanzwe hari Ishengero rya Three in O...
02/10/2024

Kubigeme mugeze mu bigero iri sango ni iryanyu, ni kw'igenekerezo rya 12/10/2024 ahasanzwe hari Ishengero rya Three in One CARAMA(Kumayira abiri Av. Muka n•80).
Hazoba hari ikoraniro ridasanzwe ry'abigeme aho hazokwigirwa vyinshi kubijanye n'uko umwigeme yokira ibikomere yatewe(k'umutima) imbere y'uko yiyemeza gushinga urwiwe(mariage).
Hazoba hari umutumire adasanzwe ariwe Mme IZERE Avera aho azotuyagira vyinshi kubijanye n'uko twokira ibikomere twatewe(abigeme) imbere y'uko twoshinga izacu(ingo).
Murahawe ikaze mwese bigeme!
N.B: Ibisabwa kugira ubashe kubana natwe ni:
-Umwanya wawe;
-ikaye n'ikaramu kuko ibizohigirwa ni ibihambaye.
Murakoze Umwami Yesu Akomeze Abazigama. Amen!

WORSHIP NIGHT•••••••••••••••••••Référence Biblique:  ● Matthieu 2:3                                     ●Esaïe 60:1     ...
29/09/2024

WORSHIP NIGHT
•••••••••••••••••••

Référence Biblique: ● Matthieu 2:3
●Esaïe 60:1
●Genèse 37:9

Amakoraniro yo k'umusi w'Imana yo kw'igenekerezo rya 29/09/ 2024••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••Um...
29/09/2024

Amakoraniro yo k'umusi w'Imana yo kw'igenekerezo rya 29/09/ 2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••

Umwigisha : Pasteur Tumsifu
Icivugo:"BA MASO N'IKIGERAGEZO KIRI IMBERE YAWE"
Icigwa : -Imigani 6:6-11


Ijambo ry'Imana riratwereka uko tudakwiye gusamara kuberako igihe coco ntikiriko kiraturindira. Ijambo rivuga ko udakora adakwiye no kurya .

Uzoryamira(tuzoryamira) gushika ryari? uzoja kwikangura usanga nabo mwatanguranye baragusize kera.

Bwira umutima wawe uti ndase ubukene. Imana irashobora guhindura amateka iyo wizeye kandi ugashiramwo n'ishaka.

Icishe ishengero ry'uyu munsi canke aba Kristo nuko turiko turakunda cane kuryama tukibagira ko ubu atamanu ikimanuka ivuye mw'ijuru.

Bene data gerageza kwanka ubukene mu gukora no gukoresha ubwenge Imana Yaduhaye, si bibi guhabwa ariko ni vyiza ko nawe(natwe) wiga(twiga) gukora kugira uhe(duhe) abandi. Ikindi nuko ukuboko gutanga kwama kuri hejuru y'uguhabwa.

Ntaco bitwaye ko uriko canke woba wakuze uhangayitse ariko kora n'inguvu cane ugororokeye Imana muvyo ukora kugira abagukomokako nabo ntibazobone uwo muruho.
Ishengero muvyo rikeneye rirakeneye n'abadandaza bakomeye(abanyamafaranga) kugira ntitubonekeko umugayo kuko vyose ni ivyacu nkabizera.

Mwigeme kora cane, ugurura umutwe wawe utangure gukora imisore ntizoraba cane isura yawe izoraba ico nawe wimariye nico uje kumufasha.

Papa na maman barakoze n'inguvu zabo zose kugira ugere aho ugeze, ariko ntibikwiye ko wicara witeze igihe co gutorana ibisigi vy'abavyeyi bawe. Kora cane nawe abawe(abana) baze bagere heza kubwawe.

Umuntu agashobora kwirirwa arayerera avuga vuga urusaku arementaniriza abandi bitewe nuko ataco afise akora, bikagera naho avuga n'abakozi b'Imana.
Hariho n'abandi baboshwe nivyo bize ngo nivyo barindiriyemwo akazi.

Nimba ijambo ry'Imana ritubwira ko k'umunsi ugira indwi Imana Yaruhutse nuko nayo Yari Yakoze, natwe ko turi abana bayo dutegerezwa gukora.
Gusenga nivyiza ariko umenye ko utegerezwa gukora kugira utunge umuryango wawe wongere ushikanire Imana.

Twibuke ko ijambo ritubwira ko Uhoraho azohezagira ibikorwa vy'amaboko yacu. Amen!

Amakoraniro yo guhimbaza no gutazira ImanaYo kw'igenekerezo rya 27/09/ 2024••••••••••••••••••••••••••••••••••Umwigisha :...
27/09/2024

Amakoraniro yo guhimbaza no gutazira Imana
Yo kw'igenekerezo rya 27/09/ 2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••

Umwigisha : Pasteur Tumsifu
Icivugo:" YESU YOGARUKA YOSANGA WITEGUYE?"
Icirwa: - Luka 17:3-4

Ivyo twabonye nivyo twumvise, abatwitangiye imbere hariho abatabibonye naho hari abavyipfuje. Yesu ari hafi, agira agaruke, uwizera ategure ubugingo bwiwe. Nta mwanya uwizera afise wo gutakaza, ahubwo ni umwanya wo kwitegura.
Ese abitabira amakoraniro bose boba biteguriye gusanganira Umwami Yesu kubicu agarutse.
Benshi mwishengero bazosanga iri jambo ariryo ribatsindishije "NIYIHANA UMUBABARIRE" kuko kuri bo gutanga imbabazi ari ikigoye.
Iyo umuntu ababariye uwundi aba akweze amahoro mumutima wiwe.
Mumuryango iyo hari ukubabarirana, usanga ari ikibanza Imana yamamwo.
Imbabazi niwo muryango/Rugi Yesu yaciyemwo mukuza kuducungura, izi mbabazi nizo Imana ishaka ko natwe dukunda abandi kuko Data wa twese yadukunze ibirushirije kuba vyiza. Amen!

URUGENDO RW'IVUGABUTUMWA MU NTARA YA MAKAMBA------------------------------------------Kur'uyu wa Kane m'urugendo rw'Ivug...
26/09/2024

URUGENDO RW'IVUGABUTUMWA MU NTARA YA MAKAMBA
------------------------------------------

Kur'uyu wa Kane m'urugendo rw'IvugaButumwa i Makamba ibikorwa vyo gusanura Ishengero ry'i Makamba vyabandanije,hongera herekanwa ireresi( Cinéma) iroresha ku Mana, iherekezwa n'Ubutumwa Bwiza kucivugo "URUKUNDO RW'IMANA", aho umuvugaButumwa w'uyu musi yabaye Arthur Rodrigue NDAYIKENGURUKIYE yishimikije imirongo ya Bibiriya iri muri Yohana 3:16 hamwe no mu Baroma 6:23.
Benshi bahezagiwe kubw'ivyo, mbere hanaboneka abakira Kristo nk'Umwami n'Umukiza mubu*ima bwabo barenga 57.
Imana Ibiherebwe Icubahiro. Amen!!

URUGENDO RW'IVUGABUTUMWA MU NTARA YA MAKAMBA--------------------------------------------Yakobo 4:17 :" Nuk'uwu*i gukora ...
25/09/2024

URUGENDO RW'IVUGABUTUMWA MU NTARA YA MAKAMBA
--------------------------------------------

Yakobo 4:17 :" Nuk'uwu*i gukora neza ntabikore bimubera icaha".

Imana Yabashoboje mukarungika abavugaButumwa ba THREE IN ONE CARAMA muntara ya MAKAMBA nIhabwe Icubahiro.
Barash*tse amahoro, kandi n'ivyo mwabarungitse gukora bariko barabikora (Imana Iriko Irabashoboza) n'ubwo batorohewe mu gikorwa barimwo.

Mwarakoze gukora neza, kandi mubandanye mukora neza.
Umwami Yesu Abahezagire. Amen!!!

Culte Dominical du 22 Septembre 2024••••••••••••••••••••••••••••••••••••Prédicateur: Rév. Missionnaire Jeannette Ngandje...
22/09/2024

Culte Dominical du 22 Septembre 2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••••

Prédicateur: Rév. Missionnaire Jeannette Ngandjeu
Thème:"RAVIVE TA FOI"
Réf. biblique: - 1 Corinthiens 9:24-27
-Matthieu 16: 13-16


L’église souffre de la religion et de ces œuvres qui se répandent du jour le jour. Lorsqu’on fût sauvé, le plan de Dieu était qu’on lui serve.
L’église est la seule institution qui révèle Christ le Seigneur ressuscité. Celui-ci est le seul qui détient tout ce dont le croyant a besoin.
Comme la vie n’est pas limitée par notre séjour ici sur terre, contrairement la vie continue après la mort. La fortune et les titres peuvent élever une personne mais le salut est au delà de ça. Après l'élévation ici sur terre, il y a la mort et la fois en Jésus est seule qui peut sauver une personne.
Le Dieu qui s’est révélé à toi c’est le seul qui va te sauver dans cette ère pécheresse.
L’argent peut être un atout mais que le croyant sache que ce dernier peut être un élément destructeur s'il manque la sagesse pour gérer ce qu'il a.
Lorsqu’on sait qu’on va loin, et que tu sais que seul le Seigneur est le seul moyen d’y arriver, il ne faut pas décevoir Jésus car c’est avec lui qu’on a l’espoir aux choses espérées de Dieu.

Que le croyant se souvienne du premier amour qu’il avait lorsque les distractions de cette vie n’étaient plus.
On n’a pas besoin de Jésus pour avoir les biens matériels tels que l'argent, richesses,...car ceci vient à n'importe qui qui travaille et le Seigneur bénit l’œuvre de nos mains, par contre que le croyant cherche beaucoup les choses d’en haut où Christ est à la droite du Père.
L’intimité avec le Seigneur Jésus fera de Lui une révélation au croyant et celui-ci est le seul à rallumer le feu au près du croyant en raAMEN!vivant la foi dans le croyant. Amen!

Amakoraniro yo guhimbaza no gutazira ImanaYo kw'igenekerezo rya 20/09/ 2024••••••••••••••••••••••••••••••••••Umwigisha :...
20/09/2024

Amakoraniro yo guhimbaza no gutazira Imana
Yo kw'igenekerezo rya 20/09/ 2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••

Umwigisha : Emmanuel NKUNDWANABAKE
Icivugo: "MBEGA IMANA IRAKWISHIMIRA?
Icirwa: -Yesaya 1:2-3
-Imagani 16:4

Mw'Ishengero hari imice ine y'abantu:

1. Hari abantu mw'Ishengero ari ba sindabibazwa, baza basohoka ata kintu na kimwe c'Ishengero banezwe;

2. Hari abatukisha izina ry'Imana bagatukisha n'Ingoro y'Imana, abo bari mu barongonzi b'Ishengero, muba protocols, mubaririmvyi,mubasenzi,...(bari mubikorwa vy'Ishengero). Ariko bari hanze y'Ishengero ibikorwa vyabo(ingeso zabo) zihushanye n'ibikorwa vy'abana b'Imana;

3. Hari abamaze imyaka myinshi mw'Ishengero, Imana Iba Ibitezeko guhindura no kwereka inzira y'agakiza abaje kwakira agakiza(bashasha mugakiza). Ariko ugasanga ni bo bariko babasubiza mungeso zidahesha Imana Icubagiro;

4. Hari n'abandi ari Abana b'Imana bayigororokera bitahuye bagatahura ko m'ukubaho kwabo ari gushira Imbere Imana yonyene akaba ari Yo Ibakoresha ico Ishaka k'ubu*ima bwabo.

Mbega wewe uri mumuce uyuhe????
Urukundo rw'Imana Rurarenze ugutahura kw'umuntu. Ntaco bitwaye umuce urimwo, birashoboka ko uhinduka nawe hama ukaba Umwana Imana Yishimira nkuko Yishimira Yesu Kristo na Yobu. Amen!

Amakoraniro yo k'umusi w'Imana yo kw'igenekerezo rya 15/09/ 2024••••••••••••••••••••••••••••••••••Umwigisha : Pst. Laure...
15/09/2024

Amakoraniro yo k'umusi w'Imana yo kw'igenekerezo rya 15/09/ 2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••

Umwigisha : Pst. Laurent HARIMENSHI
Icivugo:"IZERE IMANA UGIRIRANIRE ISEZERANO NA YO"
Icigwa : -Yesaya 55:11
- Zaburi 4:8
-Yohana 1:1
-Mariko 16:18

Izere Imana, ushire umutima wose kuri Yo(Imana), wizere n'Ijambo ryaYo. Kuko Isezerano ryaYo ni Ryo Ryonyene Rishika uko Ryasezeranwe ibihe vyose. Imana Ntihemuka, Ntibesha, uko Yamwe n'Ubu niko Iri kandi niko Izokwama ibihe vyose. Amen!

Amakoraniro yo guhimbaza no gutazira ImanaYo kw'igenekerezo rya 13/09/ 2024••••••••••••••••••••••••••••••••••Umwigisha :...
13/09/2024

Amakoraniro yo guhimbaza no gutazira Imana
Yo kw'igenekerezo rya 13/09/ 2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••

Umwigisha : Ev. Pascal HABONIMANA
Icivugo: "INYISHU YOSE IMANA IGUHA IRAGUKWIYE"
Icigwa : -Kuvayo 4:21-23
-Yohana 18:8-11
-1 Petero 2:1-5

Buri gihe(buri musi) turasenga dusaba Imana ibitandukanye( tuYitura imitwaro yacu mw'Izina rya Yesu Kristo) ariko hakaba igihe Yihorera. Si uko Iba Yatwirengagije ahubwo ni uko Iba Ishaka kudukomeza kugira Inyishu Yayo Iz'ize turi abakomeye( dushobora kuba canke kwitwara neza munyishu Yayo ).

Ntukidodombe rero canke wiganyire mugihe uri mubikomeye ugasenga Imana Ikihorera kuko Iba Iriko Iragukomeza, vyose biri munyishu Yayo. Amen!

IGIKORANE C'ABANA••••••••••••••••••••••••Wari umunezero uvanze n'ivyishimo aho abana ba   ya Eglise   CARAMA na KAMENGE ...
10/09/2024

IGIKORANE C'ABANA
••••••••••••••••••••••••
Wari umunezero uvanze n'ivyishimo aho abana ba ya Eglise CARAMA na KAMENGE bari bakoraniye hamwe k'Umusi w'Imana(le 08/09/2024) mu gikorane bari bateguye kucivugo kivuga giti:" " bishimikishije ijambo riri muri Timoteyo wa 2 igice ca 3 k'umurongo wa 16 gush*tsa k'umurongo wa 17 (2Timothée 3:16-17).
Ntibatamvye birorera kuko bari bashigikiwe n'abigisha babo hamwe n'abavyeyi babo ndetse na bakuru babo, tutibagiye na bamwe mubarongozi ba THREE IN ONE CARAMA hamwe na THREE IN ONE KAMENGE.
Igikorane kikaba carangijwe no gutanga utuganuke dutandukanye kuri abo bana.

NK'ABA KRISTO TWESE HAMWE BIBIRIYA TUYIGIRE UMUGENZI WACU. Amen!

08/09/2024

Culte Dominical du 08 Septembre 2024
••••••••••••••••••••••••••••••••••••

Prédicateur: Pst. Patrick NDIKUMANA
Réf. biblique: -Genèse 1:29

06/09/2024

INDWI Y'AMASENGESHO HAMWE N'UKWISONZESHA
••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••
Umusi ugira gatanu.

Icivugo:"GUKUNDA IMANA"
••••••••••••••••••••

Umwigisha: Pst. M. Moïse
Icigwa: - Yohana 14:23-24
- Yohana 1:1
- Matayo 22:35-45

05/09/2024

INDWI Y'AMASENGESHO HAMWE N'UKWISONZESHA
••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••
Umusi ugira kane.

Umwigisha: Pst. Patrick NDIKUMANA
Icigwa: - Itanguriro 15:1-14
- Itanguriro 32:28

04/09/2024

INDWI Y'AMASENGESHO HAMWE N'UKWISONZESHA
••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••
Umusi ugira gatatu.

Umwigisha: Pst. Patrick NDIKUMANA

03/09/2024

INDWI Y'AMASENGESHO HAMWE N'UKWISONZESHA
••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••
Umusi ugira kabiri.

Umwigisha: Pst. Patrick NDIKUMANA
Icigwa: -Kuvayo 6:2-6
-Guharura 12:7

02/09/2024

INDWI Y'AMASENGESHO HAMWE N'UKWISONZESHA
•••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••••

Umusi wambere.

01/09/2024

Culte Dominical du 1ère Septembre 2024

Makusanyiko ya Ijuma, talehe ya 30,August,2024-----------------------------------Mhubiri: Ev. RUBANGUKA  ZémbriMadha:"SI...
30/08/2024

Makusanyiko ya Ijuma, talehe ya 30,August,2024
-----------------------------------

Mhubiri: Ev. RUBANGUKA Zémbri
Madha:"SIFU NA UABUDU UNAYE MJUA."

Yohana 4:22.

Umuhimu wa Yesu kwetu, ni mkubwa sana k**a tunavyousoma katika kitabu cha .Waefeso 4:13 “hata na sisi sote tutakapoufikia umoja wa imani na KUMFAHAMU SANA MWANA WA MUNGU, hata kuwa mtu mkamilifu, hata kufika kwenye cheo cha kimo cha utimilifu wa Kristo;”

Shalom jina la Bwana wetu Yesu Kristo libarikiwe. Karibu tena tujifunze Neno la Mungu, ambalo ndio taa ingozayo miguu yetu na mwanga wa njia zetu.(Zab 119:105).

K**a tulivyotangulia kujifunza, na k**a wengi wetu tunavyojua kwamba mtu wa rohoni sio mtu mwenye uwezo wa kuwaona wachawi..k**a inavyoaminika na wengi.. Wale watu wawili waliokuwa wanakwenda Emau, macho yao ya rohoni yalipofumbuliwa hawakuona wachawi, au majini yaliyokuwa yanawazunguka..Bali walimwona Yesu.(kasome Luka 24:13-33,)

Hivyo mtu wa rohoni ni Yule mwenye uwezo wa kumwona na kumtambua Yesu Kristo katika maandiko na katika maisha yake. Mtu aliyefunuliwa macho ya rohoni atamjua sana Mwana wa Mungu, Yesu Kristo Zaidi ya kitu kingine chochote,atajua dhumuni la yeye kuja duniani ni lipi, mamlaka aliyonayo nayo ni yapi, nafasi aliyonayo sasahivi ni ipi, na ni wapi kaandikwa katika maandiko, na umuhimu wa Yesu katikati ya wanadamu…Na mtu wa namna hiyo ataishia kumheshimu na kuwa mwangalifu na Maisha yake kuwa ya kipekee sana.

Ukishindwa kumwelewa Yesu Kristo, basi haijalishi unaona maono kiasi gani, au una elimu ya dini kubwa kiasi gani, au unaelimu nyingine kubwa kiasi gani, au unaona wachawi kiasi gani, bado wewe ni mfu kiroho na macho yako ya rohoni yamefumbwa… Kiini cha kumwona na kumjua Mungu ni Yesu Kristo.

Wakolosai 2:9 “Maana katika yeye unakaa utimilifu wote wa Mungu, kwa jinsi ya kimwili”

Na ndio maana Biblia inatuambia tena katika ”..

Waefeso 4:13 “hata na sisi sote tutakapoufikia umoja wa imani na KUMFAHAMU SANA MWANA WA MUNGU, hata kuwa mtu mkamilifu, hata kufika kwenye cheo cha kimo cha utimilifu wa Kristo;”

Hivyo tunahitaji kumahamu sana huyu MWANA WA MUNGU, mafundisho yetu, mawazo yetu, shule yetu wakati wote inapaswa ilenge katika huyu mtu mmoja Yesu Kristo..Ili tuwe watu wa rohoni. Na leo kwa neema za Mungu tutajifunza kidogo juu ya huyu mwana wa Mungu (Yesu Kristo).

Tofauti na wengi tudhaniavyo kwamba Yesu Kristo anahitaji sana sifa kutoka kwetu..pasipo kumjua yeye ni nani?..Lakini ukweli ni kwamba Yesu Kristo anahitaji kwanza tumjue ndipo sifa zetu ziwe na maana kwake. Hata katika hali ya kawaida, huwezi ku*ithamini pongezi au sifa za mtu ambaye hakujui, ametokea tu huko ghafla na amesikia tu jina lako mitaani..halafu anakuja na kuanza kukupongeza na kukusifia kidogo utakuwa na mashaka..jambo la kwanza utamwuliza..je unanijua?…Tofauti na k**a ingekuwa ni ndugu yako, ni wazi kuwa pongezi hizo utazithamini kwasababu anakujua sana, anajua ulipotoka, uliyopitia, ulipo sasa na unapokwenda…

Hivyo pongezi zake zitakuwa na maana sana kwako kuliko za hao wengine ambao hawakujui wala hamjuani..Utafahamu ni za kinafki tu.

Kwahiyo hata sifa zetu tunazomsifia Bwana k**a hazijachanganyikana na maarifa yakutosha ya kumjua yeye kiundani..basi sifa zetu ni za kishabiki tu ambazo hazina nguvu yoyote kwa Mungu.

Ukikosa shabaha kwenye ibada ya sifa na maabudu lazima uangukie kwenye miungu (Shetani) badala ya Mungu.

Katika kuabudu na kusifu Mungu anayaona mambo mawili ndani ya mtu:
- Roho Mtakatifu
- na kweli (Neno)
Yohana 4:23

Kwahiyo kumwabudu Baba katika roho na kweli, ni “kumfanyia Mungu ibada katika Roho Mtakatifu na katika Neno lake”.

Je wewe leo unamwabudu Mungu katika Roho na Kweli?. Fahamu huwezi kuijua kweli k**a hauna Roho Mtakatifu ndani yako, na biblia inasema wote wasio na Roho Mtakatifu hao sio wake (Warumi 8:9).
Amen!

Address

Carama Avenue Muka N° 80 (Kumayir' Abiri)
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when 𝐓𝐡𝐫𝐞𝐞 𝐢𝐧 𝐎𝐧𝐞 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to 𝐓𝐡𝐫𝐞𝐞 𝐢𝐧 𝐎𝐧𝐞:

Videos

Share