Isanamu Media

Isanamu Media Isanamu_Media is a page of an online Burundian media. It’s a social enterprise project of Isanamu Ent
(5)

19/11/2023

Irabire uko urukino rwagenze rwahujije igihugu c'Uburundi na Gabon.

Mubona hokosorwa iki k'umurwi nserukiragihugu wacu?

🎥: Footballman

🔴Abedi Bigirimana, umukinyi adasanzwe w'umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba.📌Uyu mukinyi w'imyaka 21 akomeza kwiga...
19/11/2023

🔴Abedi Bigirimana, umukinyi adasanzwe w'umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba.

📌Uyu mukinyi w'imyaka 21 akomeza kwigaragaza cane mu Ntamba.

😍Mu nkino zitatu akinye uyu mwaka mu murwi nserukiragihugu, afise ibitsindo bitatu hamwe n'imipira yavuyemwo ibitsindo.

🎖️Uyu mukinyi wa kera wa Rukinzo Football Club ubu akinira umurwi Polisi wo mu Rwanda, akaba yarigenjeje neza mu murwi Kiyovu sport araharonkera n'udushimwe tubiri nk'umukinyi mwiza yaranze ihiganwa ry'Urwanda hamwe n'umukinyi atanga imipira myiza ndetse n'ak'umunonotsi mwiza mu Rwanda.

🎖️Muri Rukinzo yaronse agashimwe k'umukinyi mwiza akiri muto mw'ihiganwa Primus ligue ryo mu Burundi

📌Nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru, uwigeze kuba umumenyereza wiwe mu murwi Kiyovu Sports yamubwiye ko afise impano idasanzwe ko arengeye gukina ihiganwa ry'Urwanda. Ico ciyumviro gihora gishikirizwa na bamwe mu bakurikirana inkino mu Burundi.

📌Abedi Bigirimana n'umukinyi wo hagati biboneka ko yigaragaza ca mu rukino ku mipira atanga, mu kwishira aho bashobora kumuha umupira uvamwo igitsindo, no kwaka imipira abo mu murwi bahuye(kurekipera) kandi akaba atekereje cane.

Bakunzi b'umupira w'amaguru mu Burundi, n'igiki mushima kuri Abedi Bigirimana ?

🔴 Intamba ziratakaje urukino rwa mbere mu nkino zo kurondera itike y'igikombe c'isi co muri 2026.Urukino rukaba rurangiy...
19/11/2023

🔴 Intamba ziratakaje urukino rwa mbere mu nkino zo kurondera itike y'igikombe c'isi co muri 2026.

Urukino rukaba rurangiye Gabon itsinze Uburundi ibitsindo 2-1.

Igitsindo c'Uburundi kikaba cinjijwe na Abedi Bigirimana ku munota wa 88'

NK'uko vyabonetse Intamba zakinye uko zishoboye ariko zabuze amahirwe yo kwinjiza ibitsindo.

Uburundi bukaba bufise amanota 3 mu nkino zibiri, Gabon 6, Côte d'Ivoire 3 Seychelles na Kenya zifise ubusa mw'itsinda F, mu nkino zo kurondera itike y'igikombe c'isi co muri 2026.

Akajambo kamwe ko kuremesha Intamba zacu!!

Igitsindo ca kabiri ca Gabon kirinjiye Ku munota wa 83' cinjijwe na Déni BuangaNk'uko vyabonetse bivuye kugusamara k'umu...
19/11/2023

Igitsindo ca kabiri ca Gabon kirinjiye Ku munota wa 83' cinjijwe na Déni Buanga

Nk'uko vyabonetse bivuye kugusamara k'umunyegoli yasohotse nabi izamu.

Burundi 0-2 Gabon.

Igice ca mbere c'urukino kirangiye Gabon itsinze kimwe ku busa igitsindo cinjijwe na Jim Allevinah ku munota wa 35'Naho ...
19/11/2023

Igice ca mbere c'urukino kirangiye Gabon itsinze kimwe ku busa igitsindo cinjijwe na Jim Allevinah ku munota wa 35'

Naho biruko amahirwe yo gutsinda aracariho kuko vyabonetse ko bariko baritanga mu rukino.

📷: Akeza sports

⚽️Abipfuza gukurikirana umupira wamaguru ikibiriraho match hagati y’Intamba murugamba na Gabon
19/11/2023

⚽️Abipfuza gukurikirana umupira wamaguru ikibiriraho match hagati y’Intamba murugamba na Gabon

Your Home for Football. Exclusive football documentaries, live matches, archived matches and more.

Abakunzi b'intamba harimwo n'umuririmvyi Mista Champagne  bamaze gushika ku kibuga Benjamin Mkapa stadium gushigikira Ub...
19/11/2023

Abakunzi b'intamba harimwo n'umuririmvyi Mista Champagne bamaze gushika ku kibuga Benjamin Mkapa stadium gushigikira Uburundi bugira butane mu mitwe n'igihugu ca Gabon.

Urutonde rw'abakinyi 11 batangura mu kibuga b'intamba ruhejeje gusohoka.Isanamu Media iripfurije Intamba amahirwe menshi...
19/11/2023

Urutonde rw'abakinyi 11 batangura mu kibuga b'intamba ruhejeje gusohoka.

Isanamu Media iripfurije Intamba amahirwe menshi yo gutsinda.

Uyu musi italiki 19/11/223, isaha icenda(15:00') zuzuye ku masaha y'i Gitega Intamba mu Rugamba ziraza gutana mu mitwe n...
19/11/2023

Uyu musi italiki 19/11/223, isaha icenda(15:00') zuzuye ku masaha y'i Gitega Intamba mu Rugamba ziraza gutana mu mitwe n'igihugu ca Gabon ku kibuga Benjamin Mkapa stadium muri Tanzaniya.

Zikaba ar'inkino zo kurondera itike y'igikombe c'isi muri 2026.

Akajambo ku Ntamba zacu.

✝️Inkuru y'umubabaro mu gisata c'imyidagaduro.📌Umuririmvyi wo mu runganwe rw'abaririmvyi nka Lolilo,Farious n'abandi.. H...
19/11/2023

✝️Inkuru y'umubabaro mu gisata c'imyidagaduro.

📌Umuririmvyi wo mu runganwe rw'abaririmvyi nka Lolilo,Farious n'abandi.. Hugues Irakoze yarazwi nka Sam Over-Mix yaraye yitavye Imana mw'ijoro ryo ku wagatandatu italiki 18/11/2022.

📍Sam Over-Mix yamenyekanye cane ku ndirimbo nka: Kiradodora,Dawe n'izindi..

📍Naho atari akiririmba cane yakora ibijanye n'amajwi(sonorisation)mu biteramo bitandukanye.

Isanamu Media irahojeje umuryango wiwe, abagenzi n'abaririmvyi muri rusangi

🔴Aho hambere kugira amaderedi canke ubusage vyari mu migenzo k'umwana w'umurundi.📌Aho hambere umwana ahejeje kumobwa imv...
18/11/2023

🔴Aho hambere kugira amaderedi canke ubusage vyari mu migenzo k'umwana w'umurundi.

📌Aho hambere umwana ahejeje kumobwa imvanda ntibasubira kumumwa, umushatsi ugakura bakaca bawutsiba(kusuka mu giswahili) ukaba ubusage bakaza barawusiga amavuta y'inka hamwe n'agahama kugeza akwize imyaka 14.

📍Uwo mugenzo wagiye urazimangana gahorogahoro kugeza mu myaka ya 1940 kugeza n'ubu ukaba utakibaho.

📌Uwo mugenzo uragoye ko wogaruka kuko uyu musi abana batari bake bari mu masomero, bategekwa kwimosha kuva mu mashuri y'intango gushika mu mwaka wanyuma wayisumbuye.

Ibaze nk'ubu uwo mugenzo ugarutse, abana banyu mwobaterekera ubusage?

Inkomoko,📷: le livre "Burundi trente ans d'histoire en photos 1900-1930"

✝️Inkuru y'umubabaro mu gisata c'imyidagaduro.📌 Umuririmvyikazi Irakoze Erica yarazwi kw'izina rya Miss Erica yitavye Im...
17/11/2023

✝️Inkuru y'umubabaro mu gisata c'imyidagaduro.

📌 Umuririmvyikazi Irakoze Erica yarazwi kw'izina rya Miss Erica yitavye Imana uyu musi italiki 17/11/2023.

📍Miss Erica yamenyekanye mu myaka ya 2010 aririmbana n'abaririmvyi nka Hugues Bana,Crown Rema, Frank Duniano.

📌Yarigeze kuba ari mu rukundo n'umuririmvyi Gihozo Saleh yarazwi nka Sal-G bongera barakorana n'indirimbo bise "My Love" yakunzwe n'abatari bake. Urwo rukundo rwabo barashoboye kuronka ikobondo.

📌Mu mwaka wa 2016 yakorera akazi kiwe ko kuririmba mu gihugu c'Urwanda mu murwi Kiwundo aho yakoze indirimbo zaryoheye abatari bake nka :Give me love,Mon amour n'izindi..

📌Mu mwaka wa 2018 gushika uyu musi yakorera ibikorwa vyiwe mu Burundi aho yaramaze gusohora indirimbo zakunzwe nka "In my Heart yakoranye n'umuririmvyi Sat-B

🔴Miss Erica yitavye Imana ari mu bitaro Bumerec aho yari asanzwe amaze imisi arwariye.

Isanamu Media irahojeje umuryango wiwe n'abaririmvyi muri rusangi.

🇧🇮😍Intamba z'abigeme zabandanije urugendo rwo kurondera itike y'igikombe c'isi c'Abigeme batarenza imyaka 20. Umurwi nse...
17/11/2023

🇧🇮😍Intamba z'abigeme zabandanije urugendo rwo kurondera itike y'igikombe c'isi c'Abigeme batarenza imyaka 20.

Umurwi nserukiragihugu Intamba z'abigeme batarenza imyaka 20 zihejeje gusezerera igihugu ca RDCongo mu kugitsinda igitsindo kimwe ku busa.

Naho urukino rwambere Uburundi bwatsinzwe ibitsindo 3 kuri bibiri, ariko kubera bwinjije ibitsindo bibiri ku kibuga ca Congo bitumye buronka uburenganzira bwo kubandanya.

Igitsindo kikaba cinjijwe na Annonciate Nshimirimana.

Tubibutse ko bari baherutse gukuramwo igihugu c'Afrika y'epfo.

Akajambo kamwe ku Ntamba z'abigeme.

🎼   barash*tse 🛬 m’Ubudagi aho baje guteramisha abakunzi bumuziki wo muri Afrika muri Rusangi. Ico giteramwo kizoba ejo ...
17/11/2023

🎼 barash*tse 🛬 m’Ubudagi aho baje guteramisha abakunzi bumuziki wo muri Afrika muri Rusangi.

Ico giteramwo kizoba ejo itariki 18/11 kikaba citwa East African Connect Event mwateguriwe na .

Isanamu Media irabipfurije igiteramo ciza.

Mweho mubona gute iterambere rya bano basore Kirikou A Kili na Double-jay OnceAgain?

MBE WARUBIZI?  butandukanye buremeza ko ibibanza vy’ubwiherero (toilets&douches) bishobora gufasha umuntu kuruhura umutw...
16/11/2023

MBE WARUBIZI?

butandukanye buremeza ko ibibanza vy’ubwiherero (toilets&douches) bishobora gufasha umuntu kuruhura umutwe maze ubwenge bukaja kumwanya imbere yuko akora ikintu gikomeye.

Abantu batari bake barakoresha mwene ivyo bibanza mugukora ico bita “meditation” maze bagatuza, bakaronka ingoga yogukora ibintu bikomeye bisaba kwiyumvira cane. Mwene abo bantu ngo barashobora kumara umwanya uri hagati y’iminota 20 na 50.

Abashakashatsi bakoze ivyo vyirwa barahanura abipfuza gukoresha mwene ivyo bibanza ko batokwitwaza amaterefone yabo kuko ngo atuma basamara hama bikabananira kugumiza ubwenge kukintu kimwe.

Barahamagarira urwaruka rukora ibikorwa mva bwenge bipfuza gushika kure kwama bakoresha ubwo buryo kuko bufasha abatari bake nkuko mubona abo basore babiri.

Mbe wewe umara umwanya ungana gute mubwiherero? Woba ukoresha ubwo buryo kugira wiyumvire imigambi? Woba ugiye kugerageza?

16/11/2023

Irabire incamake y'urukino rw'intamba itsinda Gambie ibitsindo 3-2.

Mubona bohindura iki cotuma batsinda urukino bimirije n'igihugu ca Gabon.

🎥: African football hilight

🔴⚽Intamba zitanguye neza mu nkino zo kurondera itike y'igikombe c'isi !!Urukino rukaba rurangiye umurwi nserukiragihugu ...
16/11/2023

🔴⚽Intamba zitanguye neza mu nkino zo kurondera itike y'igikombe c'isi !!

Urukino rukaba rurangiye umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba wirahiye gihugu ca Gambie ibitsindo 3 kuri 2.

📌Ibitsindo bikaba vyinjijwe na Abedi Bigirimana ku munota wa 31', Frédéric Nsabiyumva ku munota wa 35', na Sudi Abdallah Ku munota wa 75'.

Uburundi buzosubira guhura na Gabon italiki 19/11/2023.

Gira akajambo mubwiye Intamba zacu!!

Sudi Abdallah arinjije icagatatu ku munota wa 80'.Burundi 3-1Gambie.📸: Umugezi actu
16/11/2023

Sudi Abdallah arinjije icagatatu ku munota wa 80'.

Burundi 3-1Gambie.

📸: Umugezi actu

🔴Igice ca mbere kirangiye Intamba zitsinze ibitsindo 2 kuri kimwe ca Gambie.⚽ Igitsindo ca mbere cinjijwe na Abedi Bigir...
16/11/2023

🔴Igice ca mbere kirangiye Intamba zitsinze ibitsindo 2 kuri kimwe ca Gambie.

⚽ Igitsindo ca mbere cinjijwe na Abedi Bigirimana ku munota wa 31' icakabiri cinjizwa n'a Frédéric Nsabiyumva Ku munota wa 35'.

Kubantu bipfuza kuraba uko urukino ruhuza Intamba Murugamba na Gambia ikibiriraho
16/11/2023

Kubantu bipfuza kuraba uko urukino ruhuza Intamba Murugamba na Gambia ikibiriraho

Burundi v Gambia | CAF Qualifiers First Round | Group F | FIFA World Cup 26™ | Live Stream

16/11/2023

Umufana yabigize umwuga Asman Makalister, yiyumvamwo intsinzi y'umurwi nserukiragihugu Intamba.

Asman Makalister yishikiye muri Tanzaniya ahaza kubera urukino.

Nk'uko muvyumva umumenyeshamakuri Radjabu Ndikumana w'ikinyamakuru Indundi culture.

Isaha icenda(15:00') zuzuye ku masaha y'i Gitega Intamba mu Rugamba ziraza gutana mu mitwe n'igihugu ca Gambie ku kibuga...
16/11/2023

Isaha icenda(15:00') zuzuye ku masaha y'i Gitega Intamba mu Rugamba ziraza gutana mu mitwe n'igihugu ca Gambie ku kibuga Benjamin Mkapa stadium muri Tanzaniya.

Zikaba ar'inkino zo kurondera itike y'igikombe c'isi muri 2026.

Akajambo ku Ntamba zacu.

🔴Bivuye k'ukuntu baryoheje ibirori biheruka, Amagaba arasubiye gutumwako irigira kabiri muri Ethiopie.📌 Umurwi ndangakar...
15/11/2023

🔴Bivuye k'ukuntu baryoheje ibirori biheruka, Amagaba arasubiye gutumwako irigira kabiri muri Ethiopie.

📌 Umurwi ndangakaranga amagaba ugiye gusubira guteramisha abo muri Ethiopie italiki 17/11/2023 mu birori vyo gutora uworongoye ishirahamwe ry'urukino rwa Boxe muri Afrika.

📍Bakaba baherukayo mu birori Africa Celebrates aho bashoboye gutahukana agashimwe.

📌Nk'uko Isanamu Media yavuganye n'umwe mu barongoye umurwi Amagaba yatumenyesheje ko batumweko n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopie.

🔴”Kode y'i Muyinga iri Strong…”📌Ni umuririmvyi Drama T biboneka ko atari uwo gusubira i Muyinga aho yaje ava nkuko bensh...
15/11/2023

🔴”Kode y'i Muyinga iri Strong…”

📌Ni umuririmvyi Drama T biboneka ko atari uwo gusubira i Muyinga aho yaje ava nkuko benshi baguma babivuga kumbuga ngurukana bumenyi.

📍Abatari bake bari bibaza ko indirimbo kode itazokundwa bivanye n'ibibazo vy'uko hari hamaze gusohoka Brouillon yayo, ariko ikaba ikwije incuro ibihumbi 100 vyo kurabwa mu masaha 14 gusa ku rubuga YouTube.

📌Drama-t n'umwe mu baririmvyi b'urunganwe rushasha ariko arakora bigashimwe n'abatari bake.

Mbe mweho Kode ya Drama-t mwayakiriye gute?

-t

🔴😍 Umukinyi w'umurundi mu murwi FC Bayern München.📌 Nestory Irankunda ahejeje gutera umukono ku masezerano yo gukinira u...
14/11/2023

🔴😍 Umukinyi w'umurundi mu murwi FC Bayern München.

📌 Nestory Irankunda ahejeje gutera umukono ku masezerano yo gukinira umurwi Bayern München mu Budagi, umwe mu mirwi ikomeye kw'isi.

📍Akaba yari aherekejwe na Se wiwe Gédéon Rurandagaye aho aheruka kumenyesha ko yipfuza k'umuhungu wiwe yo kunira Intamba mu Rugamba.

📌 Nestory Irankunda yahora akinira umurwi Adelaide United muri Australiya.

Tukaba tumwipfurije amahirwe mu murwi mushasha agiyemwo.

🔴 Umumenyereza w'intamba afise icizere cinshi co gutsinda ibihugu Gambie na Gabon.📌 Etienne Ndayiragije yaganiriye n'iki...
14/11/2023

🔴 Umumenyereza w'intamba afise icizere cinshi co gutsinda ibihugu Gambie na Gabon.

📌 Etienne Ndayiragije yaganiriye n'ikinyamakuru Isanamu Media, yamenyesheje ko afise icizere kingana n'ibice amajana atanu kw'ijana(500%) co gutsinda inkino zibiri Uburundi buzokina na Gambie hamwe na Gabon ku ma taliki ya 16/11/2023 na 19/11/2023.

📌 Amakuru dufise n'uko abakinyi bameze neza kandi imyimenyerezo iriko iragenda neza.

Mweho Intamba muziha amahirwe angana gute?

✝️ Inkuru y'umubabaro k'umwuga wo kumenyeshamakuru.📌Egide Ndayisenga yari asanzwe arongoye insamirizi Bonesha fm yitavye...
13/11/2023

✝️ Inkuru y'umubabaro k'umwuga wo kumenyeshamakuru.

📌Egide Ndayisenga yari asanzwe arongoye insamirizi Bonesha fm yitavye Imana kur'uyu mugoroba inyuma y'imisi ibiri akitswe n'amagara, akaba yari arwariye mu bitaro Maison Médicale

Isanamu Media ikaba ihojeje umuryango wiwe ndetse n'abamenyeshamakuru muri rusangi..

🔴Ingurane ya Paeej-Burundi iranyuruzwa na bamwe mu rwaruka bayironkejwe.📌Ndoricimpa Jean Marie Vianey ajejwe imigambi mu...
13/11/2023

🔴Ingurane ya Paeej-Burundi iranyuruzwa na bamwe mu rwaruka bayironkejwe.

📌Ndoricimpa Jean Marie Vianey ajejwe imigambi muri Paeej aridogera bamwe mu rwaruka aho amenyesha ko, atangurane izosubira guhabwa umugambi w'umuntu umwe kuko bimaze kuboneka ko kenshi umugambi udasubira gushika kw'ihangiro.

📍Naho bimeze gutyo arashima bamwe mu rwaruka bitunganiriza imigambi batarinze kurindira ubuzi bwa leta.

Ni mu gihe turi mu ndwi yahariwe ukwitunganiriza imigambi.

Inkomoko : Bonesha fm

📸: Désiré Manirakiza arongoye Paeej

🇧🇮🏅Mu mahiganwa ya Judo yabereye i Dakar muri Sénégal Uburundi bwaratahanye imidari itatu.📌Raoul Nganji yatahukanye umud...
13/11/2023

🇧🇮🏅Mu mahiganwa ya Judo yabereye i Dakar muri Sénégal Uburundi bwaratahanye imidari itatu.

📌Raoul Nganji yatahukanye umudari w'i Feza, Kanyamuneza Signoline atahukana umudari w'umujumbu na Niragira Ciella yatwaye umudari w'umujumbu.

📍Uko ari batatu bazoca baserukira Uburundi mu gikombe c'Afrika muri Judo kizobera i Yaoundé muri Cameroun ku mataliki ya 17 na 20/Munyonyo/2023.

Tukaba tubakeje cane twongera kubipfuriza amahirwe mi nkino bimirije.

Inkomoko : comité national olympique

🔴 Umukinyi Bonfils Caleb Bimenyimana naho atari mu rutonde rw'abakinyi bazokina mu nkino zibiri Uburundi buzokina na Gam...
12/11/2023

🔴 Umukinyi Bonfils Caleb Bimenyimana naho atari mu rutonde rw'abakinyi bazokina mu nkino zibiri Uburundi buzokina na Gambie hamwe na Gabon kubera imvune, ntiyahengeshanye kuza kurorera imyimenyerezo y'abakinyi bagenzi biwe.

Akajambo kuri Bonfils Caleb Bimenyimana !!

Abasatirizi babiri b'umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba Mohamed Amissi hamwe na Pacifique Niyongabire bamaze gush...
12/11/2023

Abasatirizi babiri b'umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba Mohamed Amissi hamwe na Pacifique Niyongabire bamaze gushika muri Tanzaniya.

Bakaba bari mu gitigiri c'abakinyi batumweko mu Ntamba mu nkino zibiri Uburundi buzokina na Gambie hamwe na Gabon.

Source &📸: Umugezi actu

11/11/2023

VYAGENZE GUTE? Vital'o Footbal Club Umurwi wagize amateka menshi ukaba ari n’uwambere murikino gihe mw’ihiganywa rya Primus League ufashwa n’Abafana murino myaka…

Umurwi w’umupira w’amaguru Vitalo FC wakoze amateka atagira ukwo angana mbere urazamura n’abakinyi benshi baserukiye 🇧🇮mumakungu nka ba Selemani Ndikumana… ugeze aho ufashwa n’abafana bawo.
Uwo murwi ukibaza aho abarwizatunga baroye…

🔴Umurwi ICUMU wakoze ireresi icapuye(Dessin animé) "y'agahanga kavuga" urasaba gufatwa mu mungongo mi gihe wariko urerek...
11/11/2023

🔴Umurwi ICUMU wakoze ireresi icapuye(Dessin animé) "y'agahanga kavuga" urasaba gufatwa mu mungongo mi gihe wariko urerekena iyo reresi mu kigo c'abafaransa IfB italiki 10/11/2023.

📌Uyo murwi ugizwe n'urwaruka rurimwo abanditsi, abacafyi hamwe n'abahinyanyuzi b'amasanamu, wafashe imyaka ibiri kugira ushobore gukora ireresi icapuye imara iminota 6.

📌Uyo murwi uvuga ko ugiye kumenyekanisha imico n'imigenzo vy'Uburundi mu makungu ubicishije mu mareresi acapuye.

📍 Pacifique Nzitonda asanzwe nk'umuhinga mu guhinyanyura amasanamu yabahanuye ko bokora cane kurushirizaho yongera asaba abajejwe igisata c'urwaruka ndetse n'igihugu muri rusangi ko boza barashigikira ibikorwa mvabwenge vy'urwaruka.

📌Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka na Miss Burundi Lellie Carelle Ndayizeye, umuhinyanyuzi Akaba n'muririmvyi Masterland hamwe n'umuvanzi w'imiziki Dj-Philbyte.

🔴Intamba z'abatarenza imyaka 20 zatsinzwe.📌Umugwi nserukira gihugu w'abigeme badashikana imyaka 20 uhejeje gutana mumitw...
11/11/2023

🔴Intamba z'abatarenza imyaka 20 zatsinzwe.

📌Umugwi nserukira gihugu w'abigeme badashikana imyaka 20 uhejeje gutana mumitwe n’umurwi nserukira gihugu wa RD Congo aho Intamba zatsinzwe ibitsindo bitatu kuri bibiri (3-2).

📍Zikaba ar'inkino zo kurondera itike yokuja mu gikombe c'isi c'abigeme badashikana imyaka 20 kizobera muri muri 2024.

📍Urukino rwo gusubiriza rukazoba italiki 17/11/2023 mu gihugu ca Tanzaniya aho biboneka ko bagifise amahirwe yo kurengana kuko Uburundi bwashoboye kwinjiza ibitsindo 2 hanze.

🔴Ndikumana Youssuf Lule umwe mu bagize Staff y'umurwi nserukira Intamba mu Rugamba.📌Inyuma yaho habonetse abasezerewe, m...
11/11/2023

🔴Ndikumana Youssuf Lule umwe mu bagize Staff y'umurwi nserukira Intamba mu Rugamba.

📌Inyuma yaho habonetse abasezerewe, muri Staff y'intamba, Ndikumana Youssuf Lule yahoze ar'umukinyi wa Lydia Ludic ndetse n'umurwi nserukiragihugu akaba yaciye aronka ikibanza muri Staff.

📍Akaba ari Kit Manager ajejwe ibikoresho nk'impuzu, imipira hamwe n'ibindi.. , umurwi ukoresha mu myimenyerezo canke mu rukino.

🔴Boba bapfa iki bano baririmvyi ?📌Biravugwa ko batariko bacana uwaka hagati y'abaririmvyi babiri B-face na Drama T bamuk...
11/11/2023

🔴Boba bapfa iki bano baririmvyi ?

📌Biravugwa ko batariko bacana uwaka hagati y'abaririmvyi babiri B-face na Drama T bamuka mu ntara za Kayanza na Muyinga.

📌Abo baririmvyi bahora ari soma mbike mbere barakunze no guhurira mu ma Collabo y'indirimbo zitandukanye eka no biteramo bafashanya kuririmba.

📍Vyatanguye kuboneka aho bompi bashikirije amajambo ku ma statuts y'imbuga zabo aho biboneka ko basharikanye.

🎼 Indirimbo yitwa Code ya Drama-t ishobora kuba ariyo itumye bacanamwo.

📌Iyo ndirimbo Drama-T yari yayikoranye na B-Face ariko Drama-T ntiyashima ko yosohoka barikumwe aca ahitamwo gukuramwo amajwi ya B-Face..,

🎼 Indirimbo Code Drama-T ari wenyene yimirije gusohoka vuba iri kumwe n'amasanamu yayo mu gihe iyo bari kumwe yamaze kuja hanze naho hataramenyekana uburyo yagiye hanze..

🤷🏾‍♂️ Mwibaza ko ari kubera iki Drama-T yakuyemwo amajwi ya B-Face?

📸: Oli TrâCk

Fabelove ati" Sinshaka gusohoka hama ngaruke ndi wa wundi nyene...📌Mu kiganiro the Profile gica kuri Isanamu Media umu R...
10/11/2023

Fabelove ati" Sinshaka gusohoka hama ngaruke ndi wa wundi nyene...

📌Mu kiganiro the Profile gica kuri Isanamu Media umu Raperi akunzwe n'abatari bake azwi kw'izina rya Fabelove yamenyesheje ko impamvu adasohoka igihugu nk'abandi kuko yanka ko yogaruka atacahindutse kuri we kubera n'ubu yobishaka yoca agenda..

🎼 Fabelove akaba asanzwe afise Studio y'iwiwe ihinyanyura imiziki iri mu bintu asanzwe yishimira nk'umuririmvyi w'umurundi.

📍 Fabelove amenyesha ko Hiphop yo mu Burundi yasubiye inyuma ugereranije n'imyaka ya 2012 hakiri aba Raperi nk'aba 19th, Preeze 36, Pop-G, Pim n'abandi kuko ico gihe baruzuza ibiteramo ata yindi midiho yavuzwa atari Hip-hop...

Bakunzi b'umuziki ndundi aho iwanyu Hiphop muyakira gute?

⚽️  , uwundi mukinyi w’umupira w’amaguru akomeye cane   zitigeze zitahoNestory Irankunda afise imyaka 17 gusa, umugwi   ...
10/11/2023

⚽️ , uwundi mukinyi w’umupira w’amaguru akomeye cane zitigeze zitaho

Nestory Irankunda afise imyaka 17 gusa, umugwi Munich womubudagi 🇩🇪 ukaba uhejeje kumusinyisha kumahera💶 arenga imiriyoni 3 zamanyaburaya. Akaba azotangura gukinira uwo murwi mumwaka uza aho azoba ashikanye imyaka 18.

Ati Nestory ninde? Uwo muhungu yavutse kuri Gideon hamwe na Dafroza mumwaka wa 2006 ikigoma muri Tanzania hama barungikwa muri Autralia afise amezi atatu gusa.

Yatanguye umupira w’amaguru akiri muto ahitwa muburengero bwa Australia. Umurwi yakuriyemwo kandi agira amateka menshi ni Adelaide Croatia Raiders aho yanatumweko gukinira umurwi nserukiragihugu wa Autralia mumiyabaga itarenza imyaka 17.

Kurubuga ngurukana bumenyi X wahora witwa Twitter, abanyatanzania ntibahengeshanya gukosora amabenyeshamakuru batari bake baguma bitirira Nestory ngo numunya Australia aho bavuga ko ari umunyatanzania.
Naho yakiniye umurwi nserukiragihugu wa Australia kubatarenza imyaka 17, Uburundi canke Tanzania biracafise amahirwe yokumwiyegereza agahitamwo igihugu yoserukira munkino z’umupira wamaguru.

Intamba m’Urugamba murihe?
Hokorwa igiki kugira uwomwana ntacike 🇧🇮 ngo akinira Tanzania canke Australia?

Address

Boulevard Melchior Ndadaye
Bujumbura
6255

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Isanamu Media posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Isanamu Media:

Videos

Share


Other Media/News Companies in Bujumbura

Show All