JAYC TV JAYC TV PUBLISH NEWS TRUE STORY AND EVENTS WE PUT PEOPLE FIRST WE CARE ABOUT YOUR PRIVACY IN JAYC TV

03/06/2025

UMWIHWEZO W'ABANTU BATANDUKANYE UVUGAKO AMATORA ARIMWO IGIPFUNGU INSHI MUGIHE CENI IBONA KO ATUNGANIJWE NEZA

Ku neza  y'umunyagihugu ngo leta yari ikwiye gutanga amakuru nayo uwurondera ayo makuru akaba azi neza kuyarondera. Ivyo...
03/06/2025

Ku neza y'umunyagihugu ngo leta yari ikwiye gutanga amakuru nayo uwurondera ayo makuru akaba azi neza kuyarondera.
Ivyo bivurwa na Espérance Ndayizeye arongoye urwego rw'igihugu rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora # CNC , mu nama n'abarongoye ama radio n'ibimenyeshamakuru yo kuri uyu wa 5 Ntwarante 2025 .
Espérance Ndayizeye agasaba abamenyeshamakuru gukubura aho bakorera ni ukuvuga bakagira inyifato ibereye imbere yabo bagiye kuronderako amakuru ,bakagenda bize neza ibibazo bagiye kubaza,kandi bubashe abo bagiye kuronderako amakuru kugirango berekane kO ari abo kwizigirwa .
Iyo abo barongoye ibimenyeshakuru bariko bashinga ibikorwa naho ,ngo bakwiye kurondera abantu bamenyereye umwuga , bazi ingene babaza ibibazo ,bazi n'ingene bifata imbere y'indongozi baba bagiye kuronderako inkuru ,bakaba bikwije bambaye neza kugirango babone ko ari abantu bafise icubahiro.
Yongera kandi agasaba abamenyeshamakuru, igihe cose bagiye kurondera amakuru batwara ikarata ya CNC kuko ngo nink' ikarata karangamuntu y'umumenyeshamakuru.
Abatanze ama dossier yabo nabo muri CNC , bakaja gutora amakarata yabo .
Tubibutse ko umumenyeshamakuru yemerewe kuronka ikarata ya ari umumenyeshamakuru aba akoze imyaka ibiri ku kimenyeshamakuru kizwi n'amategeko , kuwufise impamyabushobozi (licence ou baccalauréat ) yo kumenyesha amakuru nawe akaba akoze uwo mwuga amezi arenga atandatu .
Ntiyibagiye no guhamagarira abarongoye ibinyamukuru gushiraho ibiganiro ngira kamaro ku benegihugu kandi bishikana kw' ihangiro Uburundi bwihaye.
amakuru
TV

03/03/2025

LES CONFLITS ELECTORAUX ; UN DEFI SURMONTABLE.

03/02/2025

IMOTO N'IMODOKA ZIJE GUKEMURA IKIBAZO C'IGITORO MUBURUNDI ZISHARIZWA NKA TELEFONE

03/01/2025

ABANTU BAZODUZA IBICIRO BATABIFITIYE UBURENGANZIRA BAZOHANWA

03/01/2025

OBR YOREKA GUTOZA IKORI NKITEGEKO IKABICISHA MUNYIGISHO

03/01/2025

ABAKORESHA ABAKOZI B'ABABANYAMAHANGA BARABARIHIRA 4% YA SALEUR BLITE UMUKOZI NAWE AKIRIHIRA UKWIWE

MUGIHE ABANDI BIYUMVIRA IYO BAKURA IGITORO  MUKWIYUNGURUZA Yves_Mpawenayo ARONDERA UKO BIYUNGURUZA BAKORESHEJE IVYUMA BI...
03/01/2025

MUGIHE ABANDI BIYUMVIRA IYO BAKURA IGITORO MUKWIYUNGURUZA Yves_Mpawenayo ARONDERA UKO BIYUNGURUZA BAKORESHEJE IVYUMA BISHARIZWA

⛽Iruhande yo gutanga , muri Electromeca dusanzwe twigisha umwuga w'ugukora imodoka n'imoto zitanywa igitoro zikoreshwa n'umuyagankuba"
🗣️Ayo ni amwe mu majambo ashikirizwa na asanzwe ari umuyobozi w'ishirahamwe benshi twamenyeye ku modoka yakorewe mw'iryo shirahamwe yiswe "EV BDI" isanzwe itanywa igitoro ikaba ikoreshwa n'umuyagankuba gusa.
👪Iryo shirahamwe ubu naho ryatuzaniye imoto nshasha yiswe " ", bivugwa ko yoba ikomeye gusumba mbere zimwe zigurigwa mu mahanga. Uwo muyobozi asaba reta ko yokworohereza abazigendesha zigashika muri ville kugira ngo benshi bazimenye bazihurumbire, zoroshe uburyo bwo kwiyunguruza mu buryo bugezweho
👉Arabandanya agira ati "Iyo umuntu yipfuje ko bamukorera ingendeshwa arasabwa kuriha ibice mirongo irindwi kw'ijana hanyuma mirongo itatu bisigaye akabiriha aje kuyitora". Eka ngo na bamwe bashaka kugura imitahe (actions) muri Electromeca ntibitinye irahari bazotunganirizwa
🌃Muvyerekeye ukwiteza imbere iryo shirahamwe ngo ririko rirakora ibishoboka vyose kugira ngo riterere muri ya mbonakazoza igihugu mu gutanga ikori, guha akazi urwaruka eka n'ubumenyi kugira ngo umunwa wose uronke ico ufungura n'imifuko y'abarundi benshi ntiburemwo akanoti.
👥Basomyi bahire twizere ko iri shirahamwe Electromeca ryoba rigiye gukemura ibibazo vy'ibura ry'igitoro bimaze iminsi vyibonekeza⁉️

TV

Ibice 4 kw'ijana vy'umushahara w'ibanze  niyo ishirahamwe ryose rikoresha umunyamahanga risabwa kumurihira ; ba musitant...
03/01/2025

Ibice 4 kw'ijana vy'umushahara w'ibanze niyo ishirahamwe ryose rikoresha umunyamahanga risabwa kumurihira ; ba musitanteri nabo ngo bakwiye kumenya amakori atozwa haba mu masoko no mu bindi bibanza bipangishwa nk'ama boutique kugirango ni ama komine azoronkeko .
Nayo ngo uburusho ( exonérations) buhabwa abantu baje kwongereza umwimbu ku bikorwa bakora ku kazi canke ibindi bikorwa bizanira inyungu igihugu.
Ayo akaba ari amwe mu mategeko mashasha aje yunganira ayandi yarasanzwe ahari .Ivyo ni ibivugwa na ,umuyobozi mu gisata kijejwe kwigisha no guhimiriza abatangakori mu kigo kijejwe kwegeranya no gutangisha ama tagisi OBR mu kiganiro ni abamenyeshamakuru ,kuri uyu wa 28 ruhuhuma 2025.
Uwo muyobozi akavugako intumbero y'ibikorwa nkibi ari uko abarundi bose cane cane abatangakori bakwiye kumenya akamaro KO gutanga ikori , bakaritanga atagahato kuko ngo iyo utanze ikori rikugarukako.Yongera asaba abaguzi gusaba facture ku kintu cose uba uguze kuko ngo iyo utabikoze uko uba uriko ufasha mu busuma .
Mwomenya KO hari agashimwe kangana n'ibice 10kw'ijana vy'ayo mafaranga aba yibwe , gategekanijwe kuri uwo wese azodomako urutoke kuri abo bose badatanga fagitire ku bidandazwa baba bagurishije .

TV

02/27/2025

ABAKINYI BAKINA HANYUMA BAKABURA UKO BARONKA AMAHERA BATSINDIYE BARASHOBORA KWITURA "LONA"NI MUGIHE LONA IRIKO IJA MUVYO GUTUNGANYA NO GUCUNGERA AMASHIRAHAMWE N'ABIKORERA UTWABO ABIKORA MUGIHE YAHORA IJEJWE GUKINISHA GUSA.

LONA igiye guhinduka ibe urwego rujejwe kugenzura itunganywa z'inkino zihiganisha imigisha mu burundi.Ishirahamwe ryashi...
02/27/2025

LONA igiye guhinduka ibe urwego rujejwe kugenzura itunganywa z'inkino zihiganisha imigisha mu burundi.
Ishirahamwe ryashizweho ngo ritunganye Inkino zihiganishwa biciye m'ukudandaza udukarata twa tombora LONA , vuba cane rigiye guhinduka ribe urwego rujejwe kugenzura itunganywa ry'inkino zihiganisha imigisha mu Burundi bita Agence de régulation des jeux au Hazard mu gifaransa , narirya itegeko nshikiranganji numéro 750/540/128 ryo kuwa 31 Nzero 2024 rivyerekana uko amashirahamwe akorera muri ico gisata c'izo nkino atozwa uburyo bivuye mu gukinisha mwene izo nkino . ivyo bivurwa na NIYIBITANGA arongoye iryo shirahamwe mu kiganiro n'abamenyeshamakuru co kuri uyu wa 26 RUHUHUMA uno mwaka. Abandanya avuga ko ifise ubushobozi bwo gukurikirana ikibiriraho ibikorwa vyose amashirahamwe y'inkino za tombora akora , agaheza akarihishwa bivanye n'ayo yinjije . Ivyo rero bikunda biciye mu gukorana n'ishirahamwe B ENDEN PARTNERS rifise ubuhinga n'ivyuma bishasha bihanitse m'ukugendereza ibijanye n'inkino nkizo , uko zitozwa uburyo buvuye mu gukinishwa hisunzwe amasezerano numéro 05/ARCT/2024 yahuje reta y'uburundi n'iryo shirahamwe.
Gukoresha ivyo vyuma bishasha vyazanye akarusho kanini mu bijanye n'ubutunzi bw'amafaranga bw'injizwa na ugereranije n'uko bwahora bw'injizwa imbere yayo masezerano.
Mwomenya ko kugere Ubu amashirahamwe nka , # 1xbet , Burundi , ludic Burundi , investment ari yo yemerewe na gutunganya Inkino zihiganisha imigisha , nayo amashirahamwe nka Burundi hamwe na B hospitality yari yarahagaritse ariko ubu akaba agiye gusubira Ku kivi .

TV

02/25/2025

ABANA BAVUKA IMITIMA Y'UGURUYE BAGIYE KUZA BARAVURIGWA NGAHA MUBURUNDI.

🕹Kuva itariki ya 12 Ruhuhuma 2025, Uburundi bwakiriye impunzi zirenga   35 ziva muri   Iharanira Demokarasi ya Congo.Mur...
02/19/2025

🕹Kuva itariki ya 12 Ruhuhuma 2025, Uburundi bwakiriye impunzi zirenga 35 ziva muri Iharanira Demokarasi ya Congo.
Muri izo mpunzi, harimo n'abaporisi barenga 100 bamaze kwandikwa 'impunzi. Aya makuru yashikirijwe n'umushikiranganji Niteretse uno musi, itariki 19 Ruhuhuma 2025

🕹 Umushikiranganji Martin Niteretse yavuze ko n'ubwo ziri mu bibazo, n'Abarundi ubwabo bari mu ngorane. Hari ubwoba ko ibintu bishobora kurushiriza kuba bibi, nk'uko bishikirizwa na Mukanga-Enno, uwuresukira ishirahamwe mu Burundi. Ibitigiri vy'impunzi birabandanya kwiyongera, kandi imiryango irenga #6,000 imaze gushika irakeneye ubufasha.

🧶 Reta y'Uburundi yaremeye itegeko rigenga impunzi, kandi igiye gushiraho urwego ruzokurikirana ivy'abo bariko basaba ubuhungiro. Impunzi zaje vuba zizohindurirwa ikibanza zijanwe i mu ntara ya , kugira ngo hubahirizwe amategeko mpuzamakungu yo gukingira impunzi.

🎤Reta y'Uburundi iratera akamo amashirahamwe mvamakungu, , hamwe n'abigenga kugira ngo bafatanye mu gufasha izo HCR hamwe n'ayandi mashirahamwe asanzwe afasha mu iterambere ry'Uburundi bariko barakorana na Reta kugira ngo hategurwe uburyo bwo gufasha izo mpunzi mu buryo bwihuta.


 :Nta muntu azosubira kwunguruza abantu kw'ikinga mukubarihisha amafaranga arenga 500.Ikaba ar'ingingo yafashwe na Musit...
02/19/2025

:Nta muntu azosubira kwunguruza abantu kw'ikinga mukubarihisha amafaranga arenga 500.

Ikaba ar'ingingo yafashwe na Musitanteri wa Komine intara ya

🪢😭Ibihano biratagekanijwe k' uwuzobirengako ngo "azofatwa nk'uwuhungabanya umutekano w'igihugu", yonger ashirwe mumunyororo anacibwe ihadabu ringana n'ibi 20.000 kuduga.

Musomyi iyo ngingo muyakiye gute??



Amatora y'Umukuru w'igihugu azoba mu 2027, Umurundi azoba akoresha karangamuntu yo mu  buhinga bushasha 🪪 ico bita   bio...
02/19/2025

Amatora y'Umukuru w'igihugu azoba mu 2027, Umurundi azoba akoresha karangamuntu yo mu buhinga bushasha 🪪 ico bita biométrique mu gifaransa

yishura ejo hahise,aho,yari umutumire mu nama Nshingamateka Martin Niteretse, Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu asigura impinyanyuro nshasha y'ibwirizwa rijanye no gutoza amakori n'amatagisi mu ma komine.

Ashimangira ko
Ubushikiranganji arongoye buriko burakora ibishoboka ngo iyo karata karangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none bwa 'carte biométrique" izobe yabonetse imbere y'umwaka w'2027.

🎙️ Agira atii :《Twaramaze kuronka abantu batwizeza ko carte d'identité biométrique itazoba izimvye cane, ko dushobora kuyironka ku giciro c'2 800 canke 2 700.》

uwuzoba afise iyo karata atazoba agikeneye cane 'laisser-passer' kugira ajabuke imbibe mu bihugu vy'akarere ka Afrika y'Ubuseruko .

Iyo karata,izoba idashobora guhanagurika hazojamwo nayandi ma 'données' yanyene kuyitunga haba mu ma banki n'ibindi vyose ufise wipfuza gukingira.

I Gitega,kuwa 8 Kigarama 2023 niho hageragerejwe ubwambere ibikorwa ivy'igeragezwa rijanye niyo biométrique .

📸 Ku ncuro ya mbere aho kw'isanamu ryari igeragezwa.



🔴⛽Brut Oil ni umuringoti uzana igitoro mu   ugiye kwubakwa hagati  'uburundi na  Ni bimwe muvyizwe vuba n'abashikirangaj...
02/18/2025

🔴⛽Brut Oil ni umuringoti uzana igitoro mu ugiye kwubakwa hagati 'uburundi na

Ni bimwe muvyizwe vuba n'abashikirangaji bajejwe ivy'ibitoro ku ruhande rw'uburundi: Ibrahim UWIZEYE no k***a Tanzaniya : BITEKO.

Intumbero y'uwo mugambi w'uwo muringoti n 'ukazoba uje kugabanya umwanya ukuzana igitoro bitwara uvuye mu gihugu ca kandi bikaba bije gufasha mu gukemura ikibazo c’igitoro mu .

TV


  ngo ivuga ko igizwe n'abakongomani.🇧🇮Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye arikumwe n'umutambukanyi wiwe ...
02/17/2025

ngo ivuga ko igizwe n'abakongomani.
🇧🇮Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye arikumwe n'umutambukanyi wiwe Angelina Ndayishimiye baganutse kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2025 bavuye i Addis Abeba mugihugu ca Ethiopia, aho yari yitavye inama y'ubumwe bw'Africa.
🇧🇮Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye akaba yarifatanije n'abandi bakuru b'ibihugu mugutera ivyatsi ahantu hose hari imigwi y'iterabwoba ifise ibigwanisho iguma ihekura umugabane wa Africa, yashimikiye kugice ca aho basubiye gutera ivyatsi umugwi M23 ushigikiwe n'igihugu c' ukungene bidashobora kuja mu mwumvikano kugira hatorwe inyishu y'ibibazo atamaraso asesetse.
Ivyo akaba yabishikirije aho yari yashikirije umugambi w'amahoro, ushimikiye kuri ibi:
# Guhagarika ingwano vuba bwango kugira naboza gushigikira no gutabara bashobore gushikira abenegihugu
gutyo bishobore no kworosha ibiganiro hagati y'iyo migwi itandukanye.
# Gusaba, amakungu, amashirahamwe mpuzamakungu gushigikira bimwe biboneka, bagatuza imigwi yose ifise ibigwanisho iri mu karere ka , aho umugwi w'ingorane rusigura ko ruri kugwanya aba FDR, muri ico gihe amakungu ashobore kwitanga agakuraho imigwi yose ifise ibigwanisho mu karere ka .
, mugihe ivuga ko igizwe n'abakongomani, ngo ntacotuma ingorane zabo zica mukwicana mugusesa amaraso, w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye agasaba y'uko hokorwa ibishoboka vyose kugira kugira hashobore torerwa inyishu hagati y'iyo migwi n'abakongomani biciye mubiganiro na cane cane ko hasanzwe hariho umworosha w'ibiganiro yatowe kugira ashobore kworosha ibiganiro hatorwe inyishu ntihagire amaraso asubira guseseka

TV

UBURUNDI BUMAZE KWAKIRA IMPUNZI ZIVUYE MURI CONGO ZABABA 10.OOO
02/17/2025

UBURUNDI BUMAZE KWAKIRA IMPUNZI ZIVUYE MURI CONGO ZABABA 10.OOO

Address

2117 Wingate Place
High Point, NC
27260

Opening Hours

Monday 8am - 5pm
Tuesday 8am - 5pm
Wednesday 8am - 5pm
Thursday 8am - 5pm
Friday 8am - 5pm
Sunday 8am - 5pm

Telephone

+13368583527

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when JAYC TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to JAYC TV:

Videos

Share