UBM News

UBM News UBM News, tubazira amakuru yose agezweho ari mu Kirundi, ibibera kwisi yose, amakuru y'abaririmvyi, Polike, indirimbo nshasha hamwe n'Inkuru zidasanzwe.

Abafatiwe mu marigala bagiye kurima amatongo ya Leta-Prezida Evariste Ndayishimiye.
01/07/2025

Abafatiwe mu marigala bagiye kurima amatongo ya Leta-Prezida Evariste Ndayishimiye.

Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko abazofatirwa mu marigara bagiye kwegeranirizwa mu mu matongo ya Leta maze barime badahembwa nayo ivyimburwa bikazofasha abahuye n’ibiza. Prezida Evariste Ndayishimiye yaraye amenyesheje ko abantu birirwa mu marigara bagatwa bazojanwa kurima amatongo ya Leta m...

Gute urwanda rwisuka mu bibazo vya kongo?-Réverien Ndikuriyo.
01/05/2025

Gute urwanda rwisuka mu bibazo vya kongo?-Réverien Ndikuriyo.

Reveriyano Ndikuriyo arongoye umugambwe CNDD-FDD arababazwa n’akajagari uwanda ruri guteza muri kongo rwitwaje ko ruri kurwanya interahamwe zakoze ihonyabwoko 1994. yongerako ko Uburundi na kongo bifitaniye imigenderanire myiza muvyagisirikare ko rero urwanda rudakwiye kuvyivangamwo rubonye ingabo...

Uburundi bwarabuze infashanyo kubera butemera abarongorana bahuje ibitsina-Evariste Ndayishimiye
01/03/2025

Uburundi bwarabuze infashanyo kubera butemera abarongorana bahuje ibitsina-Evariste Ndayishimiye

Uburundi bwarabuze infashanyo buzize ijambo prezida varisto Ndayishimiye yavuze ngo abarongorana bahuje ibitsina bakwiye guterwa amabuye. Nkuko bivurwa na Prezida Evariste Ndayishimiye,akibivuga banki y’isi na FMI bamubwiye ko bahagaritse infashanyo kubera iryo jambo yavuze! Mu gikorane c’amasen...

Abarundi borema irya contrat ya SOTREVO ni nziza cane-Evariste Ndayishimiye.
12/31/2024

Abarundi borema irya contrat ya SOTREVO ni nziza cane-Evariste Ndayishimiye.

Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko kuva agitora ubutare abarundi bamugwanije cane ngo uburundi ntibushore ubutare ariko abarundi nibatabona umbwimbu uvuye mu butare utanzwe narya shirahamwe SOTREVO bazomwite umusuma. Varisto Ndayishimiye ati abarundi bazoronka amafranga hamwe babura n’ico bay...

Umushahara muto utumye abagisha ba kaminuza y'uburundi bata akazi-Prof Nisubire Desiré.
12/29/2024

Umushahara muto utumye abagisha ba kaminuza y'uburundi bata akazi-Prof Nisubire Desiré.

Igisata c’ubuganga muri kaminuza y’uburundi(CHUK) gishobora kwugara umwanya wose kubera abigisha b’abaganga bariko barata akazi bigira hanze kumvo y’agashahara gato bahembwa nkuko vyemezwa na Prof Nisubire Desiré arongoye syndicat y’abigisha ba Kaminuza y’uburundi. Ptof Desiré Nisubire...

Inyuma y’imyaka 17 abasirikare b’abarundi baja kugarukana amahoro muri Somaliya, birahagaze.
12/29/2024

Inyuma y’imyaka 17 abasirikare b’abarundi baja kugarukana amahoro muri Somaliya, birahagaze.

Inyuma y’imyaka 17 abasirikare b’abarundi baja kugarukana amahoro muri Somaliya, birahagaze. Ico gikorwa c’ingabo z’Uburundi giherana na 2024. Kuva muri nzero 2025, ibihugu bizoba biriko bifasha kugarukana amahoro muri Somaliya, bizoba biri mu murwi AUSSOM (African Union Support and Stabilis...

Leta ya CNDD-FDD ntikwiye gutunganya amatora kuko itemewe n’amategeko-Chauvineau Mugwengezo
12/28/2024

Leta ya CNDD-FDD ntikwiye gutunganya amatora kuko itemewe n’amategeko-Chauvineau Mugwengezo

Chauvineau Mugwengezo avugira urunani CRN-Ingeri ya rugamba yemeza ko Leta ihari itemewe n’amategeko gutyo ntikwiye gutunganya amatora yimirije. Chauvineau Murwengenzo ati CNDD-FDD yatsinze amatora ya 2005 gusa ahandi ikora ubusuma gusa,ikindi nuko yatsinzwe muri EAC mu rubanza rw’ikiringo ca 3 ...

Ishirahamwe Olucom rivuga ko Brarudi ishobora kwugara.
12/27/2024

Ishirahamwe Olucom rivuga ko Brarudi ishobora kwugara.

Ishirahamwe Olucom risaba Leta y’uburundi gukora uko ishoboye kwose kugira Ishirahamwe BRARUDI ntiryugare nkuko ayandi mashirahamwe ya Leta ariko arahomba kuko igihugu cohungabana cane harimwo no kubura imishahara y’abakozi. Jean Nduwimana avugira Olucom avuga ko bafise amakenga ko BRARUDI ryoba...

12/26/2024

Inkuru ibabaje “ Umuryango w’Umurundi wari usanzwe uba muri America mu gisagara ca Amarillo Texas , ugizwe n’abantu 6 , bose baraye bapfiriye mwisanganya ry’imodoka ryabaye Kuruno wa gatatu ( 25-12-2024 ) Jeradi Mpawingabire hamwe na Mapendo Olga , bari kumwe n’abana babo 4 , bivugwa ko ba...

Igihugu kiratunze ariko abasahura ubutunzi bwa Leta ni benshi-Daniel Gélase Ndabirabe
12/24/2024

Igihugu kiratunze ariko abasahura ubutunzi bwa Leta ni benshi-Daniel Gélase Ndabirabe

Daniel Gélase Ndabirabe arongoye inama nshingamateka aratangazwa n’abavuga ko uburundi bukenye n’ibi étage abantu bose birirwa barubaka,iyo igihugi kiba gikenye kiba caratembagaye. Kubwa Gelase,igihugu kiratunze ariko kirimwo abantu bikunda gusa,basahura Leta bakuza ibifranga imifuko yabo gusa...

Abantu bari guta akazi ngo bagiye mu mahanga nta bwenge bafise-Gelase Ndabirabe
12/24/2024

Abantu bari guta akazi ngo bagiye mu mahanga nta bwenge bafise-Gelase Ndabirabe

Umukuru w’inama nshingamateka Gélase Ndabirabe yababajwe cane n’abarundi bari guta ubuzi ngo bagiye mu mahanga iyo birirwa bakuka amase igitondo cose,gusatura inkwi,gutema ibiti no kwikorera imizigo y’ibiro 100 kurutugu ugasanga igikiriza caravyimvye kumbe ari imizigo gusa yikorera. Gelase Nd...

Abari barahunze igihugu bari gutahuka mu gihugu c’amavukiro-Evariste Ndayishimiye.
12/23/2024

Abari barahunze igihugu bari gutahuka mu gihugu c’amavukiro-Evariste Ndayishimiye.

Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko binezereje kubona abari barahunze igihugu bariko baratahuka mu gihugu c’amavukiro. N’inyuma yaho Gervais Rufyikiri agarutse mu Burundi inyuma y’imyaka 9 ari mu buhungiro mu Bubiligi. Prezida Evariste Ndayishimiye yaraye yakiriye uwahoze ari icegera c’um...

Abanyagihugu bava mu bihugu bigize EAC bemerewe gukorera imirimo muri kenya ataco basabwe-Musalia Mudavadi.https://ubmne...
12/23/2024

Abanyagihugu bava mu bihugu bigize EAC bemerewe gukorera imirimo muri kenya ataco basabwe-Musalia Mudavadi.
https://ubmnews.com

/abanyagihugu-bava-mu-bihugu-bigize-eac-bemerewe-gukorera-imirimo-muri-kenya-ataco-basabwe-musalia-mudavadi/

Umunyagihugu wese ava mu bihugu bigize EAC yemerewe gukorera imirimo yiwe muri kenya ataco asabwe nkuko bishikirizwa n’umunyamabanga mukuru wa leta ya Kenya Musalia Mudavadi. Leta ya kenya yakuyeho inzitizi kubanyagihugu baturuka mu bihugu bigize EAC aho ubu bemerewe gukorera imirimo yabo muri ken...

IC/RAPIDE-Seruka isaba Ekleziya katolika kugira uruhara mu gushayura uburundi.
12/20/2024

IC/RAPIDE-Seruka isaba Ekleziya katolika kugira uruhara mu gushayura uburundi.

Ihuriro ry’abarundi baharanira Democrasi n’igihugu kigengwa n’amategako(IC/Rapide-Seruka)basaba uwurongoye inama nkuru y’abepisikopi katolika mu burundi kugondoza Leta y’uburundi ihagarike umugambi w’amatora ataco azoshikanako abarundi maze itunganye ibiganiro bidakumira mu ntumbero yo g...

Haratanguye urugamba rwo kurwanya abigize ibinani mukudatanga amakori-Martin Niteretse.
12/20/2024

Haratanguye urugamba rwo kurwanya abigize ibinani mukudatanga amakori-Martin Niteretse.

Umushikiranganji w’intwaro ya hagati mu gihugu Martin Niteretse agabisha abigize ibinani mu kudatanga amakori ko atanguje urugamba rwo kubarwanya gushika bagarukanye amamiliyaridi n’amamiliyaridi bishuzwa n’ikigo OBR. Martin niteretse ati:”hari abatanguje urugamba ntitwabimenya reka natwe tu...

Muri Amerika naho huzuyeyo ba mayibobo-Evariste Ndayishimiye
12/19/2024

Muri Amerika naho huzuyeyo ba mayibobo-Evariste Ndayishimiye

Prezida Evariste Ndayishimiye ngo yahora yibaza ko atamunyamerika yoba mayibobo canke umunyabulayi,umuchinois asega ariko yarabiboneye. Ndayishimiye avuga ati:”Muri Amerika nariboneye abanyamerika ba mayibobo barara mw’ibarabara mu bikaruto basa nabi cane,I Roma naho nasanzeyo uwusega ndamuha am...

Ntamurwizatunga azozana amafranga yiwe mu gihugu kitagira ubutungane-Nestor Kayobera.
12/17/2024

Ntamurwizatunga azozana amafranga yiwe mu gihugu kitagira ubutungane-Nestor Kayobera.

Umukuru wa sentare y’afrika y’ubuseruko Nestor Kayobera asaba umukuru wa sentare ntahinyuzwa Gamalier Nkurunziza kugarukira ikibazo c’abacamanza bazingamitse ubutungane. Nestor kayobera ati:”Nta gihugu gitera imbere kitagira ubucamanza bwiza,naho wogira ibirwanisho ruhonyanganda ata butungan...

Uganda:Gen Muhoozi agiye kurwanya abancancuro b’abazungu barwanira mu buseruko bwa kongo.
12/17/2024

Uganda:Gen Muhoozi agiye kurwanya abancancuro b’abazungu barwanira mu buseruko bwa kongo.

Umukuru w’ingabo za Uganda akaba n’umuhungu wa prezida Museveni yatangaje ko agiye gutanguza urugamba rwo kurwanya abacancuro(mercenaires)b’abazungu barwanira mu buseruko bwa Kongo guhera kuwa 2 Nzero 2025. Gen Muhoozi Kainerugaba ati:”ntamucancuro w’umuzungu azosigara mu buseruko bwa kong...

Address

Dallas, TX
75228

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when UBM News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to UBM News:

Share