RADIO Haguruka

RADIO Haguruka Page d'actualité

01/02/2025

Le président de la république du Burundi a exprimé sa crainte et là d'une possibilité de guerre au Burundi et dans la région.

Umukuru w’igihugu c’uburundi  yoba afise ubwoba ko Abasirikare yashoye mu ntambara mu gihugu ca Congo bashobora kumuhind...
01/02/2025

Umukuru w’igihugu c’uburundi yoba afise ubwoba ko Abasirikare yashoye mu ntambara mu gihugu ca Congo bashobora kumuhindukirira inyuma yo kugirirayo ibibazo n’ingorane ?

Ari mu birori vyo kwipfuriza umwaka mushasha abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, kumuhingamo wo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 nzero 2025, kumurwa mukuru w’ubutunzi i Bujumbura kukirimba i Kiriri, umukuru w’igihugu c’uburundi n’ubwoba bwinshi yaraye abamenyesheje ko intambara iri mu gihugu ca Congo, ko ishobora kuba intambara yo mu karere kagize umuryango mpuzamakungu.

Abanje kwirengangiza uruhara yagize mukurungika abasirikare buburundi mu gihugu ca Congo kandi bakagirirayo ingorane, Evariste Ndayishimiye, yasavye abagize uwo muryango guhagarika iyo ntambara ngo kuko ishobora kuba ikibazo gikomeye, akaba yasavye kandi amakungu gukwirikirana neza ikibazo ico gihugu ca Congo irimwo mbere agasabako hoba ibiganiro kuko ingwano itigeze itora umuti.

Ivyo vyose nkuko akunda kubivuga, nejo yasubiye kubisuka kugihugu c’urwanda mugusaba abo abo baserukira ibihugu vyabo mu muburundi kugondoza urwanda ngo kugira ruhagarike iyo ntambara muri Kongo ngo kuko bitagenze uko iyo ntambara ishobora gufata akarere kose. Evariste kaba yemeje ko uburundi ngo butazokwigera na rimwe bwemera ko ubwigenge bw’ibihugu vyo mu karere buvogerwa kandi inzu y’umubanyi ngo ihiye narwawe iba yegereje.

Yamara naho umukuru w’igihugu c’uburundi, atanguye kuvugana ubwoba burenze,wawundi ati intabwirwa ibwirwa nuko amaso atukuye, kandi bati agasozi ntibarirwa kahiye abagabo babona, kuva Evariste Ndayishimiye ahitamwo kuja kwifatanya n’igihugu ca Congo, abarundi n’amakungu ntaco batari bagize mu gusemerera bahanura ko ivyo bintu agiyemwo bizozanira akarambaraye uburundi. Nubundi natikebuka ngo aboneko inzira y’ibiganiro ariyo yonyene ikwiye gukoreshwa mugukemura ibibazo bitandukanye azoruhuka akweze ingorane.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

  Kurikira amakuru mu Kirundi kuri  yo kuri uyu wa 31  Nzero 2025.
31/01/2025

Kurikira amakuru mu Kirundi kuri yo kuri uyu wa 31 Nzero 2025.

31/01/2025

Bamwe bavuga ko umukuru w’igihugu c’uburundi yigirishije mukwama gushikiriza ijambo mu nama idasanzwe ya 24 y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa EAC, inama yari yateranye kukibazo kimwe cerekeye intambara ziri muri Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo. Impamvu yoba yatumye Evariste Ndayishimiye atinya gufata ijambo, ngo nikubera impari zari muriyo nama zari kumusaba kwishura ibibazo bitandukanye kandi atavyo yari gushobora bitumwe nuko indimi z’igifarasa n’icongereza zimugora cane.

Abandi nabo bamenyesha ko yoba yaragerageje kurondera gufata ijambo, mugabo ibirere (connexion z'iburundi) zikamwanakira akabura umurongo. Ivyo vyose bikaba vyagaragaye mugihe William Ruto yaha ijambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, ariko bikanka ko avuga kubera ivyo bibazo bibiri bishobora kuba ari connexion isanzwe ari ikibazo gikomeye i burundi, canke naho kubera kureka kuvuga n’ibigirankana kubera ikibazo c’indimi.

Ndabibutseko ivyo vyose bibaye, mugihe umukuru w’igihugu Ndayishimiye, yaheruka gutangaza ko kw'isi yose ngo uburundi arico gihugu yasanze kitagira ingorane. Ivyo akaba yabivuze mugihe abanyagihugu mu Burundi badasiba kumenyesha ko badafise ibitoro, badafise amafaranga yagaciro, badafise isukari, badafise ibinyobwa vya Brarundi n’ibindi.

  Kurikira amakuru mu Kirundi kuri  yo kuri uyu wa 30 Nzero 2025.
30/01/2025

Kurikira amakuru mu Kirundi kuri yo kuri uyu wa 30 Nzero 2025.

UMUKURU W’INAMA NSHINGAMATEKA Y’UBURUNDI GELASE NDABIRABE, YARAKWIYE GUTUMWAKO N’UBUTUNGANE KUGIRA NGO ASIGURE AMAJAMBO ...
30/01/2025

UMUKURU W’INAMA NSHINGAMATEKA Y’UBURUNDI GELASE NDABIRABE, YARAKWIYE GUTUMWAKO N’UBUTUNGANE KUGIRA NGO ASIGURE AMAJAMBO ATEYE ISONI YARAYE AVUZE.

Abakuru b'ibihugu vya EAC baraye basavye Repubulika Iharanira intwaro Rusangi ya GCongo kuganira n’imigwi irwana harimwo...
30/01/2025

Abakuru b'ibihugu vya EAC baraye basavye Repubulika Iharanira intwaro Rusangi ya GCongo kuganira n’imigwi irwana harimwo n’umuhari M23

Mu nama igira 24 y'abakuru b'ibihugu vy’umuryango w’ibihugu vy'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko EAC, yaraye ibaye hifashishijwe ubuhinga bwa none kuri uyu wa 29 Nzero 2025, abakuru b'ibihugu vya Kenya, Uburundi, Urwanda, Ubuganda, Tanzaniya, Somaliya na Sudani y'epfo bari bayitavye basavye Repubulika Iharanira intwaro Rusangi ya GCongo kuganira n’imigwi irwana harimwo n’umuhari M23.
Nkuko biboneka mw'itangazo risozera iyo nama idasanzwe, abo bakuru b'ibihugu bamenya ko babazwa n'ubuzima bw'abantu buriko buratakarira mu buseruko bwa Congo, na cane cane abana n'abakenyezi. Sivyo gusa, bavuga ko kandi batewe umutima uhagaze n'abari mu myiyerekano i Kinshasa batera inyubakwa z'ubuserukizi bw'ibihugu vyamahanga. Aha, abo bakuru b'ibihugu bagahamagarira Reta ya Congo gukingira nyabuna abo baserukira ibihugu n'ivyabo.

Abo barongoye ibihugu vy'akarere ka Afrika y'Ubuseruko barasaba kandi Reta ya Congo guca mu nzira y'amahoro kugira izo ntambara zihagarare. Ngaha bakavuga ko bategerezwa kuba ibiganiro bihuza imigwi irwana harimwo n’umuhari M23. Kubwabo impande zose zisabwa guhagarika intambara ata gisabwe kugira habe ibikorwa vy'ubutabazi ku banyagihugu bariko barakorwako n'izo ntureka. Bagiriyeko bemeranya ko bagiye gukorana inama na bagenzi babo b'ibihugu vy'akarere ka SADC.

Tubibutseko Umukuru w'igihugu ca Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo Félix Tshisekedi atitavye iyo nama y'abakuru b'ibihugu vy’umuryango w’ibihugu vy'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko EAC.

Mwomenyako naho Antoine Félix Tshisekedi, atashoboye kwitaba inama yiga kubibazo vy’intambara biri mugihugu ciwe, ntivyamubujije gushikiriza ijambo kubakongomani. Muri iryo jambo, yashikirije abanyagihugu mw'ijoro ryo kuri uyu wa gatatu itariki 29 nzero 2025, akaba yamenyesheje ko Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo izorengana ico ivyo bibazo barimwo. Nyamara kandi akaba yanatangaje ko hagiye kuba ibitero vy'inguvu vyo kwihaniza umuhari M23 n'igisirikare c'Urwanda. Muvyo yatangaje akaba yamenyesheje ko izo ntambara ngo zishobora kurandagata mu karere kose k'ibiyaga binini.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

  Kurikira amakuru mu Kirundi kuri  yo kuri uyu wa 29 Nzero 2025.
29/01/2025

Kurikira amakuru mu Kirundi kuri yo kuri uyu wa 29 Nzero 2025.

  Kurikira amakuru mu Kirundi kuri  yo kuri uyu wa 27 Nzero 2025.
27/01/2025

Kurikira amakuru mu Kirundi kuri yo kuri uyu wa 27 Nzero 2025.

  Kurikira amakuru mu Kirundi kuri  yo kuri uyu wa 24 Nzero 2025.
24/01/2025

Kurikira amakuru mu Kirundi kuri yo kuri uyu wa 24 Nzero 2025.

Aba CNDD-FDD bigira intama kandi ari amabingira. Evariste Ndayishimiye arongoye uburundi muri kino gihe niwe abishikiriz...
24/01/2025

Aba CNDD-FDD bigira intama kandi ari amabingira. Evariste Ndayishimiye arongoye uburundi muri kino gihe niwe abishikiriza imbere y'abagumyabanga b'uyo mugambwe. Abishikirije inyuma yaho habonekeye abahanuzi Biwe mu vy'amategeko bashize mu ngiro nabi ingingo itanga ikigongwe ku bapfungwa, barekura bamwe batabikiriye bagumiza mu mvuto inzirakarengane. Murabo bahanuzi harimwo umuhanuzi mukuru avuka mu ntara imwe n'umukuru w'igihugu. Ivyo bikaba vyabaye mu gihe umukuru w'igihugu yari yemeje izina ku rindi y'abazorekurwa bose ku bw'ikigongwe atanze. Kurikira Evariste Ndayishimiye, umukuru w'igihugu c'uburundi.

Abo bahanuzi biwe abagiriza kw'ayo manyanga bayakoze bitwaje ko bakorera mu biro vy'umukuru w'igihugu. Evariste Ndayishimiye yemeza ko akikujwe n'amabingira muri Ntare house, ntihagire uwibaza ko hakorerayo aberanda.

Umukuru w'igihugu ubwiwe yemeza ko muri CNDD-FDD yagenzuye neza asanga uruvyaro ruhari rwose rwarapfuye ruharanira gukurana mu bibanza gusa. Kugira igihugu gikire bisaba ko haremwa uruvyaro rushasha.

Bamwe n'abandi bumvise ayo majambo y'umukuru w'igihugu bavuga ko badatahura impamvu adatanga imihoho. Harimwo n'abavuga ko ugutanga imihoho kwiwe ataco kwofasha abanyagihugu ngo kuko n'ubundi ico kibanza yoba agisigiye amabingira yo muri CNDD-FDD nkuko we nyene abita. Aho rero ngo yakebuye abarundi mukubamenyesha kw'atarukiza bakwiye kwitega kuri CNDD-FDD bashireho abategetsi bashasha.

Umugambi wo kworora inkwavu zikazovamwo inyama zishorwa mu mahanga amafranga avuyemwo agafasha kugura igitoro uburundi b...
24/01/2025

Umugambi wo kworora inkwavu zikazovamwo inyama zishorwa mu mahanga amafranga avuyemwo agafasha kugura igitoro uburundi bukeneye urabandanya gutezwa imbere. Yamara uyo mugambi ukaba uriko urakomezwa kumutumba umukuru w’igigihugu avukamwo gusa. Ku mugoroba wo kuri uyu wa 22 Nzero 2025, ku kibuga c'indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye ni ho hashika umugwi wa mbere w’inkwavu zivuye mu gihugu c'Ubufaransa. Izo nkwavu zizofasha mu kunagura ubwoko bw'inkwavu busanzwe mu gihugu c'uburundi.

Izo nkwavu zaraye zishije zigenewe ishirahamwe Sovert rifise inyubako za kijambere mu Kibimba mu ntara ya Gitega, rikazoba rigizwe n'ikigo co gutororokanya no kuvukisha ubwoko bw'inkwavu nziza za kijambere. Izo nkwavu 288 zaje zo mu bwoko grands parentaux ziva mw'iyororero ry'inkwavu ryo mu kigo Hypharm, ishami ryo mu bworozi bw'ibitungwa ry'ikigo Grimaud, kizwi kw'isi yose mu bijanye n'ugutororokanya amoko y'ibitungwa, imiti y'ibinyabuzima, ibifungurwa vy'avyo n'ibindi.

Haritezwe kandi umugwi wa kabiri w’inkwavu 308 zigenewe ikigo ca kijambere co kworora no kuvukisha inkwavu co ku Muyange mu ntara ya Cibitoke, gifashwe mu mugongo na PAEEJ.

Abarundi bamwe bumvise ivy'uyo mugambi uriko utezwa imbere, bandikiye radio Haguruka bavuga bati, nduguruye twa mugina. Usangwa inyama z' izo nkwavu arizo turindiriye gushora mu mahanga kugira turonke igitoro mu Burundi nkuko umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yigeze kubishikiriza ariko yipfurizwa umwaka n'inzego z'ukwivunabansi niz'umutekano, abarundi turacagowe tukiriko. Ndugaye twa mugina. Murabo banyagihugu harimwo abongeyeko ko babona kw'inzira nyayo yo gukira kw'abarundi ariyo guhindura indongozi zihari bakahashira indongozi zibona kure.

Ibitaro vy'abasirikare mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura vyarengewe no kwakira abasirikare b'abarundi bakomerekera mu ...
24/01/2025

Ibitaro vy'abasirikare mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura vyarengewe no kwakira abasirikare b'abarundi bakomerekera mu ntambara barungitswemwo yo kurwanya umuhari M23 mu gihugu Kibanyi ca Congo. Ivyo bitaro bikaba biguma vyakira ku bwinshi abasirikare bakomeretse.

Mu gihe inzego za gisirikare c'uburundi ziguma zitangaza ibiryohera abategetsi mukuvuga ko abasirikare b'uburundi bahagaze neza ku birindiro vyabo muri Congo mugucungera umutekano w'abakongomani, bamwe mu banyagihugu bavuga ko batagikeneye kwumviriza ibishikirizwa n'abasavyi b'ubutegetsi butarajwe ishinga no gukorera igihugu ahubwo burajwe ishinga no gukorera inda z'ababugize. Basaba abarundi kubona aho ukuri kuri baheze bave hasi biyamirize intwaro iriko irashora kw'icumu abana b'igihugu ku nyungu zayo.

  Kurikira amakuru mu Kirundi kuri  yo kuri uyu wa 23 Nzero 2025.
23/01/2025

Kurikira amakuru mu Kirundi kuri yo kuri uyu wa 23 Nzero 2025.

Naho babona ko ataco bariko bararondera mu matora yimirije, ariko basa nababandanya inzira yabo yo guherekeza CNDD-FDD, ...
23/01/2025

Naho babona ko ataco bariko bararondera mu matora yimirije, ariko basa nababandanya inzira yabo yo guherekeza CNDD-FDD, murayo manyanga yateguwe yo kwiba amatora. Abo nabo mu runani Burundi bwa bose baherutse kwankirwa n’umurwi CENI kwakira intonde zabo z'abajenama b'ama komine n’abashingamateka.

Bamwe mubanyagihugu bakaba bavuga ko abagize urwo runani batari bakwiye kubandanya bata wakuba kuko ataco bazohava bashikako, ngo ahubwo iyaba bari bakeneye vyukuri ko ibintu bihinduka, ngo bari bakwiye guhaguruka bakarwanira uburenganzira bwabo biciye munzira zose barekurirwa n’amategeko. Ibindi urwo runani basaba harimwo kuririra umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye hamwe na Sentare y’ubahiriza ibwirizwa nshingiro, muravyisomera kuri rino tangazo.

23/01/2025

Umukuru w'Inama Nkenguzamateka, yaraye yubahutse gusaba umushikiranganji François Havyarimana gufuta no gukuraho akamwana wa Mama mubintu vyo gutanga bourses zo hanze yisunze amanota y'abanyeshure. Emmanuel Sinzohagera akaba yaraye amenyesheje ivyo, mugihe muri kino gihe ubwo bushikiranganji bwahora butanga ama bourses bushingiye iyo ibantu baturuka nuko bameze n’ukuvuga ko bahora baraba intara n’amoko.

Ariko naho biri uko, bamwe n’abandi babona ko Umukuru w'Inama Nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera, atarakwiye gutanga intererano benizo gusa, ngo ahubwo bashingiye kububasha ahabwa n’amategeko ngo yategerezwa gukoresha urwego arongoye mukubogoza no mugukura mu mabanga Umushikiranganji w'Indero.

  Kurikira amakuru mu Kirundi kuri  yo kuri uyu wa 22 Nzero 2025.
22/01/2025

Kurikira amakuru mu Kirundi kuri yo kuri uyu wa 22 Nzero 2025.

  Kurikira amakuru mu Kirundi kuri  yo kuri uyu wa 21 Nzero 2025.
21/01/2025

Kurikira amakuru mu Kirundi kuri yo kuri uyu wa 21 Nzero 2025.

Address

Kigoma/Nduta
Kigoma
47105

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when RADIO Haguruka posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to RADIO Haguruka:

Videos

Share