Le président de la république du Burundi a exprimé sa crainte et là d'une possibilité de guerre au Burundi et dans la région.
Bamwe bavuga ko umukuru w’igihugu c’uburundi yigirishije mukwama gushikiriza ijambo mu nama idasanzwe ya 24 y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa EAC, inama yari yateranye kukibazo kimwe cerekeye intambara ziri muri Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo. Impamvu yoba yatumye Evariste Ndayishimiye atinya gufata ijambo, ngo nikubera impari zari muriyo nama zari kumusaba kwishura ibibazo bitandukanye kandi atavyo yari gushobora bitumwe nuko indimi z’igifarasa n’icongereza zimugora cane.
Abandi nabo bamenyesha ko yoba yaragerageje kurondera gufata ijambo, mugabo ibirere (connexion z'iburundi) zikamwanakira akabura umurongo. Ivyo vyose bikaba vyagaragaye mugihe William Ruto yaha ijambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, ariko bikanka ko avuga kubera ivyo bibazo bibiri bishobora kuba ari connexion isanzwe ari ikibazo gikomeye i burundi, canke naho kubera kureka kuvuga n’ibigirankana kubera ikibazo c’indimi.
Ndabibutseko ivyo vyose bibaye, mugihe umukuru w’igihugu Ndayishimiye, yaheruka gutangaza ko kw'isi yose ngo uburundi arico gihugu yasanze kitagira ingorane. Ivyo akaba yabivuze mugihe abanyagihugu mu Burundi badasiba kumenyesha ko badafise ibitoro, badafise amafaranga yagaciro, badafise isukari, badafise ibinyobwa vya Brarundi n’ibindi.
Umukuru w'Inama Nkenguzamateka, yaraye yubahutse gusaba umushikiranganji François Havyarimana gufuta no gukuraho akamwana wa Mama mubintu vyo gutanga bourses zo hanze yisunze amanota y'abanyeshure. Emmanuel Sinzohagera akaba yaraye amenyesheje ivyo, mugihe muri kino gihe ubwo bushikiranganji bwahora butanga ama bourses bushingiye iyo ibantu baturuka nuko bameze n’ukuvuga ko bahora baraba intara n’amoko.
Ariko naho biri uko, bamwe n’abandi babona ko Umukuru w'Inama Nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera, atarakwiye gutanga intererano benizo gusa, ngo ahubwo bashingiye kububasha ahabwa n’amategeko ngo yategerezwa gukoresha urwego arongoye mukubogoza no mugukura mu mabanga Umushikiranganji w'Indero.
Inyuma yamakuru agize iminsi atangazwa ko abasirikare b'Abarundi barungitswe kugarukana amahoro n'umutekano mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo #RDC bariko baratikirira mu gihugu ca Congo, Igisirikare c'Uburundi cavuye mu gacerere, kimenyesha ko ayo makuru aribihuha. Yamara naho avuga gutyo, abasirikare bari kurubuga bo bamenyesha ko bari mu ngorane zidasanzwe kuko bariko bararaswa bikomeye. Kurikira Général de Brigade BARATUZA Gaspard, n’Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi.
Kubwa Général de Brigade BARATUZA Gaspard, Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi, amenyesha ko ibishikirizwa n’umuhari M23 ngo ari ukwidigadiga ngo kuko atabasirikare buburundi bariko barapfira kuri urwo rugamba. Kubwiwe ntacotuma igisirikare kinyegeza amakuru y'abasirikare bapfira mu bikorwa vy'ukugarukana amahoro muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya #Congo. Ivyo ngo bikorwa muntumbero yo kugira urugamba rwo gutera ubwoba abandi basirikare.
Ariko naho abivuga gutyo amakuru yo kwizera abandanya kwemeza ko nyabuna nyabuna abasirikare b’uburundi bariko barabonera ayinkware yaboneye kumugezi. Bamwe n’abandi bakibaza uwuzohoza amarira yabavyeyi bariko baracika umugongo bikabasiga.
Inyuma yamakuru agize iminsi atangazwa ko abasirikare b'Abarundi barungitswe kugarukana amahoro n'umutekano mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo #RDC bariko baratikirira mu gihugu ca Congo, Igisirikare c'Uburundi cavuye mu gacerere, kimenyesha ko ayo makuru aribihuha. Yamara naho avuga gutyo, abasirikare bari kurubuga bo bamenyesha ko bari mu ngorane zidasanzwe kuko bariko bararaswa bikomeye. Kurikira Général de Brigade BARATUZA Gaspard, n’Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi.
Ijambo ry'umukuru w’igihugu c’uburundi rijanye n'umwaka mushasha w'2025
Andre Nikwigize umuhingahinga mu vyubutunzi, amenyesha ko yihweje abavurwa ko arabarwizatunga bitavye ihuriro ry’abanyamitahe riheruka kubera i Bujumbura, ngo ntakintu nakimwe bazoshobora gufasha ngo ahubwo benshi muribo biboneka ko baje mu Burundi kwitemberera. Akagabisha ko hari umugambi wa Reta y’uburundi wuko ifaranga ryuburundi rishobora guteshwa agaciro ngo nkuko bariko barabisabwa nikigega cisi « fonds monétaire international » ngo kugira ifaranga ry'uburundi rishobore kuja kurugero rwayandi Mafaranga. Kubwa André Nikwigize, ngo hamwe vyoramuka bibaye, ngo ntaho bizoba bitandukaniye nuko Reta y'uburundi izoba ishize akagozi mwizosi abanyagihugu ngo kuko ibintu bizoca bizimba kurugero ruteye ubwoba.
Pour 𝐌𝐚𝐫𝐢𝐞 𝐋𝐨𝐮𝐢𝐬𝐞 𝐁𝐚𝐫𝐢𝐜𝐚𝐤𝐨, la main des hommes et des garçons est opportune contre les VBG.
Marie Louise Baricako Avuga ko Urugamba rwo kurwanya amabi n’ihohoterwa bikorerwa abakenyezi, bazorutsinda bifadikanije n'abagabo n'abahungu.
Gabriel Rufyiri aratangazwa no kubona ibintu biyangara abaserukira abanyagihugu barorera ukamenga siho bari. Icibagiwe co nurwego rw’umuhuza wabarundi hamwe n’abanyamigambwe ngo ntiyumva ivyo bariko barakora.
Ngibi ibintu vyankenerwa ishirahamwe OLUCOME ryerekanye ko bimaze kuduga ibiciro incuro zirenga zibiri mu kiringo c'amezi ane gusa. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME, yaraye bivugiye mu kiganiro n'abanditsi n' abamenyeshamakuru kuri uyu wa 19 Munyonyo 2024.
#Burundi Kurikira amakuru mu Kirundi kuri @RHaguruka yo kuri uyu wa 06 Munyonyo 2024.