Ijambo ry'Imana Ribohora

Ijambo ry'Imana Ribohora Imbuto y'umugororotsi n'igiti c'ubugingo,
Kand'ufise ubgenge ahindura imitima y'abantu
Imigni11:30
(1)

*Kukw abaganzwa n'akameremere k'umubiri bitwaririka ivy' umubiri, kand' abaganzwa n'impwemu bitwaririka ivy' impwemu.   ...
16/01/2025

*Kukw abaganzwa n'akameremere k'umubiri bitwaririka ivy' umubiri, kand' abaganzwa n'impwemu bitwaririka ivy' impwemu. Kwitwaririka ivy' umubiri kuzana urupfu, ariko kwitwaririka ivy' impwemu kuzana ubugingo n'amahoro*
✍️Abaroma 8:5-6✍️
Ncuti mukundwa,kwitwararika ivyumubiri kuzana urupfu,ariko kwitwararika ivyimpwemu kuzana ubugingo n'amahoro.
Icugaburira cane,icowitwararika Can Nico gikura.
umubiri ntukwoshe ngo ukubuze ijuru KUKO naho uguhenda niwafa ntimuzojaa Numuriro wo uzoja mwivu nawe une mu muriro, uyumubiri twambaye nivu,nkuko bibiliya ibitwereka ko mukuremwa kumuntu,Imana yafashe umukungugu irahumba,maze ngwihumekera muriryovu yabumvye impwemu yubugingo,maze umuntu aba ufise ubugingo🙏
Reka kwiba,kwica,gusambana,kubesha.....kugira unezereze umubiri,ahubwo kora iciza cose kugira uzoragwe ubugingo mugihe ikibiribiri coco kizoba casubiye iyocavuye.
Iyurabi ibirikubera mw'isi ,ukaraba ahisi igeze,vyaribikwiy kutwugurura Amaso tugahindukirira umuremyi,Kuko niw bwihisho.
Hitamwo neza,hitamwo Yesu,hitamwo ubugingo,nayo Ivy'isi,umubiri,n'a satani nibobansi bumuntu,ariko iyo twihishe muri Christo,Niwe aheza akatugwanira intambara🙏
Nkwipfurije kuzoragwa ubugingo budahera.
Mw'isi turi ingenzi n'a kavantara
WAME WITEGUYE YESU ARAJE

Yesu abahezagire cane

IMANA itakwibutse ntawakwibukaIMANA itakwugururiye ntawakwugururiraIMANA ikwimye ntawoguhaIMANA itakwiyumviriyeko ntawok...
16/01/2025

IMANA itakwibutse ntawakwibuka
IMANA itakwugururiye ntawakwugururira
IMANA ikwimye ntawoguha
IMANA itakwiyumviriyeko ntawokwiyumvirako
IMANA itakurinze ntawokurinda
IMANA itakwubakiye woruhira ubusa vyosenyuka
Urakeneye IMANA mubuzima BWAWE
IMANA iguhaye ntawokwaka
Reka kwama afata abantu nkaho ARIBO batumye uja mungorane UFISE sibo Ni satani NIWE mubi Kandi bishobora KUBA vyakuvuyeko nawe kuko IMANA yari KUKUBERA inyishu muri vyose wayiteye akagere.
Wibuke ko IMANA niyo ituma umuntu apfa Kandi niyo ituma umuntu abaho,niyo imukenesha ikamukenura,niyo imucisha bugufi ikongera ikamushira hejuru.
Harizina ry'umuntu wumvamwo?
Nuko niwiyuzuze n'Imana ubone KUBA amahoro.
Witwararike ubwami bwayo no kugororoka kwayo

Muhezagirwe cane

15/01/2025

NIVY'IGICIRO KININI
KUBANA NA YESU
NK'UMUKUNZI

1Inzira y'umusaraba ni yoIzonshikana mw ijuru gusa:Sinzobon' ibirimba vy'umucoNi nahusha ya nzira ya Yesu. Nta yindi nzi...
15/01/2025

1
Inzira y'umusaraba ni yo
Izonshikana mw ijuru gusa:
Sinzobon' ibirimba vy'umuco
Ni nahusha ya nzira ya Yesu.

Nta yindi nzir' iriho na mba
Atar' iyo y'Umukiza,
Inzir' inshikana kwa Data
N'iy' umusaraba.

2
Ni nagomba kuj' ahera cane
No kubonana n'Imana yanje,
Nkwiye kujan' inzir' Umukiza
Yesu yaciyemwo y'amaraso.

3
Nasezey' inzira zose z'isi,
Sinzosubira guca muri zo,
Dat' arampamagar' ati Ngwino,
Nkujan' aho naguteguriye.
INDIRIMBO 184

Yesu abahezagire cane

14/01/2025

YESU N'UMUKUNZI MWIZA

Hari ingaruka zibiri kubanse kwihana icaha ngo bagihebe. Iya mbere ni kubakiri bazima babayeho ubuzima bwo gucumura: umu...
14/01/2025

Hari ingaruka zibiri kubanse kwihana icaha ngo bagihebe.
Iya mbere ni kubakiri bazima babayeho ubuzima bwo gucumura: umuvumo, ivyago ndetse bamwe baranapfa bagapfa bakenyutse (imisi yabo itaragera).
Iya kabiri ni kubapfuye batihanye: Gutsindwa n’ urubanza bo n’ urupfu rw’ ibihe bidashira.

Mu gitabo co Gusubira mu vyagezwe 28:15-19niho havuga neza hati: “…Nimwitondera amajambo yanje mukagendera mu vyagezwe vyanje vyose mbagera zobahezagira kandi umugisha wanje, jewe Uhoraho, uzoba kuri mwebwe ariko nimwanyuranya n’amajambo yanje, mukagenda Nk’ uko Uhoraho Imana atagomba, ubwoko bwose bw’imivumo murabuvumwe”. Ezekiyeli18:20 nawe yandika avuga ati: “…uwukora Icaha wese azopfa”. Daniyeli 12:2nawe ntiyasigaye inyuma ngo abure ico yandika ku ngaruka mbi z’ icaha. We, yandika avuga ati: “…abapfiriye muri Kristo bazozukira ubugingo budashira mugabo abapfiriye mu vyaha bazozukira ubumaramare bw’ibihe bidashira kandi bazozukira umuriro n’ ukubabazwa kw’ibihe bidashira”.

Ugukora icaha kwose umuntu agukora ashize umutima k’ umunezero w; akanya gato muvya buno bugingo. Ariko, mbega twokaba ubugingo budashira n’ inyama iriko irabora? Canke twohitamwo kuzobabazwa ibihe bidashira tukabishobora dute mu gihe abacumura bose baba bananiwe kwihanganira umubabaro w’ akanya gato?

Ncuti yanje usoma buno Butumwa Bwiza kuri uyu musi: Hitamwo Ubuzima bwo kwirinda icaha no kugororokera Imana muri vyose na Hose kuko aho honyene niho hari amahoro adashira bo n’ ubugingo buhoraho.

MBEGA NI UBUZIMAKI UBAYEMWO UYU MUNSI? SUZUMA URABE. UKABA UBAYEHO UBUZIMA BWO GUCUMURA, UHINDUKIRE WIHANE UBIHEBE BICITWA UYU MUSI
YESU AGUTEZE IBIGANZA.NTUTEGAGANE IHUTE WIYUZUZE N'IMANA.

Yesu adutabare cane

13/01/2025

WABIKOZE NEZA
CHORALE YA 2
EGLISE PENTECOTE MAKAMBA-GISHIHA

13/01/2025

MWIJURU HARIYO
UMUTI WO KUVURA
NO GUSOMORA,
YESU AWUTANGIRA
UBUNTU

😭BITEYE AGAHINDA 😭*Wa Mufarizayo uhumye WE,banza woze imbere mugikombe no mu nkoko,inyuma havyo  na ho  habone kwera*🖊️M...
13/01/2025

😭BITEYE AGAHINDA 😭
*Wa Mufarizayo uhumye WE,banza woze imbere mugikombe no mu nkoko,inyuma havyo na ho habone kwera*
🖊️Matayo 23:26🖊️
Abantu benshi turitwararika imibiri yacu,ugasanga umuntu yisakaye vrt arambaye neza,asa neza cane,yarengana ngurya mugabo,umugore,umuhungu,umukobwa ngwasa neza,ngo nimwiza,ariko ugasanga,umutima wiwe warazigiye,wuzuye ubusuma,ubusambanyi,akaboregwe,ubwicanyi,uburozi,ububeshi,Ishari,inzigo,ugwanko,ugutongana,Ugasanga ntaciza kimuvako,cnk kimuvamwo,ahari hose nukwiyumvira ibibi,nukwipfuza ibibi,nugukora ivyaha vyubwoko bwose.Ijambo ry'Imana rimbwira,ngurinde umutima wawe,kuruta ukoworinda ikindi kintu cose,kukwariho ubugingo bududubiriza.Gukayangana inyuma,indani haraboze,bisa nokwubaka inzu nziza,indani ukabikamwo ibintu biboze,binuka,iyonzu malgré ubwiza bwinyuma,ntawuyinjiramwo kubwumunuko,kandi iyimisi ibaye myishi,uwomunuka uraheza ugashikira nababanyi(abagukikuje)Kuko ngo ntacatwikiriwe kitazoja ahabona.
Rero twitwararike kwoza indani muritwebwe,twitwararike kweza ingeso zacu,nibikogwa vyacu,maze tubone gukayangana indani ninyuma.
Kurya umuntu iyagwaye cancer igenda irafata ibihimba bimwebimwe,mpaka igakwiragira,Niko numutima wuzuye ibibi,wuzuye ivyaha waffecta umubiri,ugasanga umuntu aracatambuka muga yarapfuye.ivyobita gupfugenda.Nihahandi niyupfuye,bavuga ngo ntagipfuye,ngo yariyapfuye agenda,kubwibikogwa bibi,nivyaha ukora.
Ngo wamufarizayo WE wozinkonko nibikombe inyuma imbere aribibi,ngo banza woze indani,inyuma habone kwera.
Ncuti mukundwa,iconiyipfurije,iconkwipfurije ,twoze canke tweze imitima Yacu,ivyinyuma ninyongera.
Ngomwitwararike ivyubwami nukugororoka,ibisigaye ninyongera

Muhezagigwe n'Umwami Mana

12/01/2025

IVYAKUNANIYE
YESU
ARABISHOBOYE

Rāba,irasambura,ntihasubire kwubakika;yugarana umuntu,ntihashobore kwuguruka.rāba,yimana amazing,agakama;vyongeye yayare...
12/01/2025

Rāba,irasambura,ntihasubire kwubakika;yugarana umuntu,ntihashobore kwuguruka.rāba,yimana amazing,agakama;vyongeye yayarekura akubika Isi.
🖊️yobu12:14-15🖊️
IMANA itakwibutse ntawakwibuka
IMANA itakwugururiye ntawakwugururira
IMANA ikwimye ntawoguha
IMANA itakwiyumviriyeko ntawokwiyumvirako
IMANA itakurinze ntawokurinda
IMANA itakwubakiye woruhira ubusa vyosenyuka
Urakeneye IMANA mubuzima BWAWE
IMANA iguhaye ntawokwaka
Reka kwama afata abantu nkaho ARIBO batumye uja mungorane UFISE sibo Ni satani NIWE mubi Kandi bishobora KUBA vyakuvuyeko nawe kuko IMANA yari KUKUBERA inyishu muri vyose wayiteye akagere.
Wibuke ko IMANA niyo ituma umuntu apfa Kandi niyo ituma umuntu abaho,niyo imukenesha ikamukenura,niyo imucisha bugufi ikongera ikamushira hejuru.
Harizina ry'umuntu wumvamwo?
Ahubwo warukwiye kwibaza impamvu itagushira hejuru ?bishobora KUBA vyakuvuyeko kubwivyaha vyawe ugenderamwo wanse KWIHANA canke bishobora KUBA vyavuye kuriyo kuko igihe nkisaha vyayo vyokukugirira neza bitarashika,biragusaba kwihangana,haribantu IMANA YIFUZA gushira hejuru bakanka .banka GUCA Aho Imana ibacishije kuko gushirwa hejuru n'Imana sibintu biri magique ,wemera GUCA Aho igucishije,ukishwa NAYO intambwe kuyindi gushika ush*tse Aho yaguteguriye ,kuberako iyo nzira ibabaza Kandi iruhije benshi banka GUCA Aho Imana ibacishije bagahitamwo kwicira inzira.kuroranirwa kw'umuntu kuva ku mana
Nuko niwiyuzuze n'Imana ubone KUBA amahoro.
Witwararike ubwami bwayo no kugororoka kwayo

Muhezagirwe cane

11/01/2025

NTACUTI NZIZA IMEZE NKA YESU

11/01/2025

KURA UMUVUMO MU MUGISHA
UMVIRIZA IYI NTAHE YOGUFASHA

11/01/2025

BARAMUFUNGUYE_YANGA_GUTAHA_KUBERA_URUGO_RUBI😭_KURA_UMUVUMO_MUMUGISHA_WAWE,UZAHIRWA_EV.NSHIZIRUNGU

Ese hoba hariho icaha cakwizingiriyeko bikanka ko uvavanura naco ?Ese waruzi impamvu ico caha kidashaka kukuvako ?Ese wa...
11/01/2025

Ese hoba hariho icaha cakwizingiriyeko bikanka ko uvavanura naco ?

Ese waruzi impamvu ico caha kidashaka kukuvako ?

Ese waruzi ko Satani yicaye ?
Mugenzi , nivyo ushobora kuba ufise umu dayimoni agutera kubesha kenshiii , agutera kunyotora ( kwiba ) kuvy'abandi , agutera kwisambanya , agutera gusambana , n'ibindi !!!
Mur'ivyo mvuze hashobora kuba harimwo kimwe cakwibohereyeko !!! Rero mugenzi uhabere maso ! : Muri kino gihe Satani arasamaza abantu caane kumuvuduko udasanzwe kuburyo bafata icaha nk'ikintu gisanzwe !

Nimba hari ikintu kigiye kukubuza ijuru , nico caha wase kuvavanura naco !
Mw'isi ni ahantu tumara imyaka mikeya ! Rero ushaka wohitamwo Ivy'ijuru ukavavanura nico caha kuko Aho kigiye kugutereka si heza !!!
Mbega bihora bishika ukibaza kw' iherezo ryawe ? Ic'ingenzi nuko wotahura neeeza ko Uwase kuvavanura n'icaha ko uburuhukiro bwiwe ko ari gihenomu muri ca kiyaga kizoba caka umuriro udasanzwe !!!
Mugihe abazoba bihanganiye zmagerageza y'iy'isi , bazoba bariko baratirimba indirimbo z'amazamuka , uzokwicuza , ati Iyo menya nkareka kirya caha , kandi nawe ataco uri buhindure ! Rero sinokwipfuriza ko amaherezo yawe ko yoba mur'ico kiyaga caka umuriro , ariko ngusavye ko wofata amazi meza n'isabuni , ukiyoga mumaso , ukazungurutsa ubwenge maze ukabona Aho igihe kigeze maze ugahindukirira KRISTO kuko ariwe bugingo !!!

Nuko nimwihane,muhindukire, IVYAHA vyanyu bihanagurwe,ibihe vy'imbemburo bibone ingene biza bivuye munyonga z'Umwami IMANA
🖊️Ivyakozwe n'intumwa2:38🖊️
ICO UKWIYE GUKORA KUGIRA UNESHE IVYAHA
1.Kwihana :Gufata ingingo yo kureka IVYAHA
2.Guhindukira:kuva munzira mbi warimwo ukaja munzira NZIZA
3.Bishobora kunyaruka canke bigafata igihe BITEWE nuko wamaramaje mu mutima kwimatanya n'umwami ,iyo niyo nzira igushikana kuguharirwa IVYAHA
4.Umaze guharirwa ukagirirwa imbabazi ibihe vyo guhembuka bica biza bivuye munyonga z'Umwami IMANA ugahinduka ICAREMWE GISHA ukabaho wigeze kuzorarwa UBWAMI
Umuntu WESE Yama muvyaha vyamunaniye KUNESHA yisuzumye ubwiwe yobona icahahajije muribi mvuze aha haruguri vyatumye aba imbohe ya satani.
Nuko subiza satani IBINTU vyiwe fata ingingo umwikunkumure YESU azoguha KUNESHA ubone gutabagwa niwamutakambira azokwumva n'umunyembabazi nyinshi.
IMANA izoguhe iherezo ryiza 🙏🙏🙏
IMANA IGUHE KUNESHA IVYAHA

Yesu abahezagire cane

10/01/2025

YESU NUMUNYEMBABAZI
NYINSHI CANE

Address

Wootton Bridge

Telephone

+25779995439

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ijambo ry'Imana Ribohora posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Ijambo ry'Imana Ribohora:

Videos

Share

Category