Radio peace fm ijwi ry'urwaruka

Radio peace fm ijwi ry'urwaruka Radio Peace Fm ,est une radio la voix des jeunes

La Radio Peace Fm ,est un media avec une ligne editoriale de sensibilisation de la paix ,eveiller la jeunesse et promouvoir le droit de l'homme dans la region de grand lac et dans l'afrique de l'est notament dans le domaine des refugies

Muri iki kiganiro abatumire barerekana neza ko aya matora azokwega akarambaraye .Abanyagihugu baratanguye guhunga kubera...
17/06/2024

Muri iki kiganiro abatumire barerekana neza ko aya matora azokwega akarambaraye .

Abanyagihugu baratanguye guhunga kubera ayo matora
⤵️⤵️

🥰Nawe ntutangwe ,mukurindira ikiganiro, teramana na Joe Philbert Karangwa ikibiriraho ⤵️⤵️
15/06/2024

🥰Nawe ntutangwe ,mukurindira ikiganiro, teramana na Joe Philbert Karangwa ikibiriraho
⤵️⤵️

Écouter Radio Peace FM en ligne

Mwiriwe, uyu musi 18h amasaha yo mu Budage ,muraza gukurikira ikiganiro Duhane Ijambo kubijanye n'icuka kiri mu Burundi ...
15/06/2024

Mwiriwe, uyu musi 18h amasaha yo mu Budage ,muraza gukurikira ikiganiro Duhane Ijambo kubijanye n'icuka kiri mu Burundi mu gihe himirije amatora asigaje umwaka umwe gusa . Muraza kucumviriza ikibiriraho muciye kuri iyi link ▶️Radio Peace FM - https://onlineradiobox.com/bi/peace/

Radio-Télévision Isanganiro RTI Karangwa Joe Philbert Inyankamugayo za CNL aho uri hose Akariho Nikavugwe Group (ANG) BURUNDI MON PAYS Pacifique Nininahazwe

Dans la commune de Gisuru de la province Ruyigi à l’Est du Burundi, 9 maisons toutes appartenant aux rapatriés de la cri...
07/06/2024

Dans la commune de Gisuru de la province Ruyigi à l’Est du Burundi, 9 maisons toutes appartenant aux rapatriés de la crise de 2015 ont été incendiés.
⤵️⤵️⤵️⤵️⤵️

Dans la commune de Gisuru de la province Ruyigi à l’Est du Burundi, 9 maisons toutes appartenant aux rapatriés de la crise de 2015 ont été incendiés. Des jeunes imbonerakure du parti cndd-fdd sont pointés du doigt dans le forfait.

🙆🏿‍♂️Catorika iti:"Abantu mu Burundi bafise ubwoba ." Hakwiye ibiganiro
14/04/2024

🙆🏿‍♂️Catorika iti:"Abantu mu Burundi bafise ubwoba ." Hakwiye ibiganiro

Aha Eglise Catholique ikebura abarundi cane cane ku nyifato yo kunyuruza abarundi no gusaba ibiganiro hagati y'abarundi . ...

🧐Rwasa niyategura ikoraniro kaminuza azoba ariko arahungabanya umutekano ntituzovyihanganira ,Nkurikiye .🧏🏿‍♂️Rwasa yate...
31/03/2024

🧐Rwasa niyategura ikoraniro kaminuza azoba ariko arahungabanya umutekano ntituzovyihanganira ,Nkurikiye .

🧏🏿‍♂️Rwasa yatevye gutegura ikoraniro, ababishoboye bararitegura natwe turabashigikira
👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿

Mu kiganiro Abashikiranganji b'inzego za Reta bahaye abarundi n'abamenyeshamakuru ,Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, ...

🎬Video ,Umviriza intandaro y'indyane ziri hagati ya Ndayishimiye na Rwasa Agathon .👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿
17/03/2024

🎬Video ,Umviriza intandaro y'indyane ziri hagati ya Ndayishimiye na Rwasa Agathon .
👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿

Muri iyi nkuru umukuru w'igihugu agaruka ahanini ku catumye Agathon Rwasa afatwa nk'umwasi w'igihugu na Ndayishimiye kuba aho yamubwira ngo ave mubamugwanya ...

👨🏿‍💻Ndayishimiye ashobora kutazoheza ikiringo ciwe mugihe ataco yokora mu maguru masha .🧐 Ivyo EAC yemeje ku kiringo ca ...
17/03/2024

👨🏿‍💻Ndayishimiye ashobora kutazoheza ikiringo ciwe mugihe ataco yokora mu maguru masha .

🧐 Ivyo EAC yemeje ku kiringo ca 2015 n'umutwaro ukomeye kuri Ndayishimiye
👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿

Umukuru w'igihugu Ndayishimiye muvyo yemereye abarundi n'amakungu nta nakimwe yigeze akora bashobora kumukurako icizere mugihe atohindura ...

😭 😭 Umurundi yaraye yiciwe Mozambique acumiswe imbugita 😭 Wa mwigeme wo kuri Kaminuza y'uburundi yica uruyoya yafashwe 🧐...
14/03/2024

😭 😭 Umurundi yaraye yiciwe Mozambique acumiswe imbugita

😭 Wa mwigeme wo kuri Kaminuza y'uburundi yica uruyoya yafashwe

🧐 Agatotezo cndd-fdd ikorera iyindi migambwe karabandanya
👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿

1. Hari umuyabaga akiri muto yaraye yiciwe mu gihugu ca Mozambike I Maputo, agandaguwe n'umugabo w'umupfasoni yahora agendana n'uwo mugore w'umupolice murico...

🔫Abasivire 2 bararashwe umwe aca arapfa inyuma yo kwaka inkoho umusirikare 💣Umuhari Red Tabara, ugiye kurengutswa imbere...
06/03/2024

🔫Abasivire 2 bararashwe umwe aca arapfa inyuma yo kwaka inkoho umusirikare

💣Umuhari Red Tabara, ugiye kurengutswa imbere y'ubutungane

✈️🛩️ Ikibuga c'indege kigiye kwubakwa n'amahema /Ndikuriyo Révérien
👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿👇🏿

Ingingo nkuru nkuru 1. Hari abagabo 3 baheruka guhohoterwa n'inzego z'umutekano bazira ko arabo mu mugambwe CNL ,n'inyuma yaho bashikanywe mw'iperereza baga...

1. Ikibazo cabana bicara hasi mugihe bari kw'ishure cabaye akananirabahinga ,umukuru w'igihugu agasaba abarwizatunga kug...
06/12/2023

1. Ikibazo cabana bicara hasi mugihe bari kw'ishure cabaye akananirabahinga ,umukuru w'igihugu agasaba abarwizatunga kugabanya ama champagne bakagura intebe ,Joe Philbert Karangwa we akabonako n'ingendo z'umuryango w'umukuru w'igihugu zogabanywa kugira ico kibazo giherengeyere muraza kuvyumva .

2. Amatora asa nayageze mugihe umugwi ujejwe gutunganya amatora ceni,utarashigwaho ,kubwa Paul Ngarambe yigeze kuba arongoye cni ,ngo reta iriko iraceregwa gushiraho uwo mugwi muca mivyumva .

3. Nayo ishirahamwe IDHB na Human rights watch, bagiriza reta y'uburundi gushira mu kwaha umugwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi ku nyungu za reta navyo ni mukanya .

Amakuru twabateguriye saya gusa ,tubafitiye nayandi avugwa mu bindi bisata ,gumana najewe Albert Maheke ngira ndayabashikirize ndiko ndafashwa na Yves Irakoze m'ubuhinga bw'ivyuma kaze mwese .

Amakuru du 06 Kigarama 2023

1. Ikibazo cabana bicara hafi mugihe bari kw'ishure cabaye akananirabahinga ,umukuru w'igihugu agasaba abarwizatunga kugabanya ama champagne bakagura intebe ,Joe Philbert Karangwa we akabonako n'ingendo z'umuryango w'umukuru w'igihugu zogabanywa kugira ico kibazo giherengeyere muraza kuvyumva . 2. A...

👉🏿BURUNDI-RDC : POURQUOI PORTER L’UNIFORME DES FARDC ? UNE QUESTION QUI VAUT UN EMPRISONNEMENT A DES MILITAIRES BURUNDAI...
01/12/2023

👉🏿BURUNDI-RDC : POURQUOI PORTER L’UNIFORME DES FARDC ? UNE QUESTION QUI VAUT UN EMPRISONNEMENT A DES MILITAIRES BURUNDAIS VOULANT EN SAVOIR PLUS
👇🏿👇🏿👇🏿

Plusieurs militaires burundais sont emprisonnés depuis quelques mois. La raison, ils posent des questions relatives à l’engagement du Burundi dans le combat contre le Mouvement du 23 mars, le M23, qui combat le gouvernement de la République Démocratique du Congo, un gouvernement qui nie la cit...

Abakoresha uru rubuga rwitw Spotify ,ca kiganiro casohotse ,mwoba muracumviriza ,abagishaka kuri audio turakibaha handi ...
04/11/2023

Abakoresha uru rubuga rwitw Spotify ,ca kiganiro casohotse ,mwoba muracumviriza ,abagishaka kuri audio turakibaha handi hato.Ikiganiro Duhane Ijambo, Abatumire ni Epithace Nshimirimana, Mbonimpa Pierre Claver na Oscar Butare
👇🏿👇🏿

Muri kino kiganiro, abatumire bagaruka ahanini kubijanye n'amakosa yoba yarakozwe n'aba nyepolitique mugabo bo bakaba batabihakana . Tubifurije kunyugwa na kino kiyago mushikirizwa na Joe Philbert Karangwa.

Igice ca kabiri ca ca Kiganiro umuvugizi w'umugambwe   Epithace Nshimirimana aharira n'Uwurongoye amashirahamwe ahurikiy...
30/10/2023

Igice ca kabiri ca ca Kiganiro umuvugizi w'umugambwe Epithace Nshimirimana aharira n'Uwurongoye amashirahamwe ahurikiyemwo abarundi baba mu bihugu vya ariwe Oscar Butare ,cageze .

Muri kino gice tuzoba turikumwe na Petero Claver Mbonimpa arongoye ishirahamwe riraba ivy'abanyororo n'uwurongoye umugambwe ku rwego rwa ,Aime Magera.

Ubu rero inyuma ya ca kiganiro ca mbere abatumire bavuga kubijanye naho umukuru w'igihugu Ndayishimiye Varisito agejeje Uburundi, ubu tuzoganira kubijanye n'abakoze imyiyerekano biyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza nimba vy'ukuri bari bazi ico baharanira canke nimba atakwihenda kwahabaye ku bari bateguye iyo myiyerekano .

Duhane Ijambo, nawe wobaza ikibazo ngaha muri commentaire, nimba ari umuco ukeneye kurivyo tuzoganira canke nimba ufise intererano.

Nayo abifuza kubaza ibibazo mu kiganiro, mwokwandikira kuri watsapp yacu ,tukababwira uko bizokorwa. Ni kuri +49 1521 3498050, uvugeko wifuza kugira ico ushikirije mu kiganiro Duhane Ijambo.

Kikazoremeshwa na Joe Philbert Karangwa, nk'uko bisanzwe .

Ikaze nawe

,

🔴😳 Wa musore yacumita imbugita umukunzi wiwe ku Musaga  yamaze gufatwa n'inzego z'umutekano ============================...
26/10/2023

🔴😳 Wa musore yacumita imbugita umukunzi wiwe ku Musaga yamaze gufatwa n'inzego z'umutekano
=================================

📌 Kwibarabara rya cumi na kabiri ku musaga neza neza kakabare kwitwa Ouagadougou bar umusore yitwa Ndereyimana Boris ahejeje gucumita umwigeme bivurwa ko basanzwe bari mu rukundo ekambere ngo bariko bitegurira gushinga urugo nk'uko ababazi babivuga.

🤔Muti vyoba vyagenze gute????

📌Uwo musore ngo baje bazananye n'uwo mwigeme mu modoka yunguruza abantu "Taxi voiture" niho baca binjira mu kabare kari hepfo ku nkengera y'uruzi kanyosha, bungingo umwigeme ahawe agafanta kataragera no hatagati umusore yasokoroye imbugita arengera kuri wa mukunzi wiwe aracumitagura mukobwa akominduru,niho wa musore yaciye atungwa nayo yameze ariko ntivyamwereye kuko abaraho hafi baciye bamufata eka mbere n'inzego z'umutekano ntizatevye kuhagera.

Ubu uwo musore akaba aciye ajanwa gukorwako amatohoza nayo umwigeme ajanwa kwa muganga ariko akaba yariko aravirirana biteye ubwoba

Source &Photo : Umuco

Depuis leur arrivée en Ouganda en 2015, les réfugiés burundais vivent dans une insécurité. Des gens ont été tués, d’autr...
20/10/2023

Depuis leur arrivée en Ouganda en 2015, les réfugiés burundais vivent dans une insécurité. Des gens ont été tués, d’autres enlevés. Didace Havyarimana est parmi les victimes. Une année et plus vient de s’écouler sans que sa famille n’ait de nouvelles de ce père de famille. Les soupçonnés dans cet enlèvement ont été arrêtés par la police ougandaise, mais n’ont jamais comparu devant la justice. La famille est dans l’impasse

Depuis leur arrivée en Ouganda en 2015, les réfugiés burundais vivent dans une insécurité. Des gens ont été tués, d’autres enlevés. Didace Havyarimana est parmi les victimes. Une année et plus vient de s’écouler sans que sa famille n’ait de nouvelles de ce père de famille. Les soup...

20/10/2023

Depuis leur arrivée en Ouganda en 2015, les réfugiés burundais vivent dans une insécurité. Des gens ont été tués, d’autres enlevés. Didace Havyarimana est parmi les victimes. Une année et plus vient de s’écouler sans que sa famille n’ait de nouvelles de ce père de famille. Les soup...

Depuis leur arrivée en Ouganda en 2015, les réfugiés burundais vivent dans une insécurité. Des gens ont été tués, d’autr...
20/10/2023

Depuis leur arrivée en Ouganda en 2015, les réfugiés burundais vivent dans une insécurité. Des gens ont été tués, d’autres enlevés. Didace Havyarimana est parmi les victimes. Une année et plus vient de s’écouler sans que sa famille n’ait de nouvelles de ce père de famille. Les soupçonnés dans cet enlèvement ont été arrêtés par la police ougandaise, mais n’ont jamais comparu devant la justice. La famille est dans l’impasse

Depuis leur arrivée en Ouganda en 2015, les réfugiés burundais vivent dans une insécurité. Des gens ont été tués, d’autres enlevés. Didace Havyarimana est parmi les victimes. Une année et plus vient de s’écouler sans que sa famille n’ait de nouvelles de ce père de famille. Les soup...

Ejo ku musi wa gatandatu ,Radio Peace Fm izobashikiriza ikiganiro Duhane Ijambo, aho abatumire ari Oscar Butare ,Aime Ma...
20/10/2023

Ejo ku musi wa gatandatu ,Radio Peace Fm izobashikiriza ikiganiro Duhane Ijambo, aho abatumire ari Oscar Butare ,Aime Magera na Epithace Nshimirimana, bakazoganira kubijanye *Naho Umukuru w'igihugu Ndayishimiye Varisito agejeje igihugu, mu gihe amatora asigaje imyaka ibiri

Nawe urahawe ikaze

Mugihe ufise icushima canke unegura intwaro ya Ndayishimiye Varisito, wokwandika iciyumviro cawe.

,

DÉTOURNEMENT DE PRÈS D’UN MILLIARD DE FBU À L’ABP ET LES AUTEURS DONT L’ACTUEL DIRECTEUR GÉNÉRAL DE CETTE AGENCE DE PRES...
08/10/2023

DÉTOURNEMENT DE PRÈS D’UN MILLIARD DE FBU À L’ABP ET LES AUTEURS DONT L’ACTUEL DIRECTEUR GÉNÉRAL DE CETTE AGENCE DE PRESSE GOUVERNEMENTALE JOUIT DE L’IMPUNITÉ TOTALE

Ce qui se passe aujourd’hui comme hier à l’Agence Burundaise de Presse(ABP) mérite d’être dit et redit pour attirer l’attention des hautes autorités du pays. En effet, comme le souligne souvent son Excellence le Président de la République du Burundi qui est très engagé dans la lutte ...

Incarcéré depuis le mois de mars 2018 à la prison centrale de Ngozi au nord du Burundi, Clément Nkurunziza, ancien prési...
05/10/2023

Incarcéré depuis le mois de mars 2018 à la prison centrale de Ngozi au nord du Burundi, Clément Nkurunziza, ancien président du comité des représentants des étudiants de l’Université du Burundi ASSER, Association des Etudiants de Rumuri, est accusé d’être impliqué dans l’assassinat des étudiants de l’ethnie hutu, un assassinat survenu la nuit du 11 au 12 juin 1995, deux mois après le départ de son comité qui a fonctionné pendant la période allant du mois d’avril 1994 au mois de mars 1995. Des témoignages tant des anciennes autorités de l’université du Burundi que ceux de ses compatriotes plaident pour sa libération car il est injustement emprisonné.
https://www.radiopeacefm.com/politique/article/burundi-justice-des-temoignages-innocentent-clement-nkurunziza

Namwe muramaze kwumva ko amazi ya REGIDESO asigaye anuka ?-------------------------------Haraheze indwi zibiri n'imisi n...
30/08/2023

Namwe muramaze kwumva ko amazi ya REGIDESO asigaye anuka ?
-------------------------------
Haraheze indwi zibiri n'imisi nk'ine ,amazi ya REGIDESO afise agahumuro katari keza ,abanyagihugu bakaba bafise amakenga y'ikibazo coba carabaye.

Injira muri groupe yacu ya Watsaap ====>https://chat.whatsapp.com/LRD2zG1PZB7IZ4lxO4EWTk

Mubisanzwe amazi ya REGIDESO yari yizewe kuburyo ushobora kuyanywa utanayatetse ntihagire ingaruka mbi nimwe ivamwo, eka mbere unabiravye neza usanga abarundi benshi ariyo bakoresha cane cane mu mirimo ya misi yose eka mbere no kunywa .

Naho biruko hafi indwi zitatu zigire zuzure ayo mazi adashobora kunyobwa mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w'ubutunzi . Kuva ico kibazo kicigaragaza, abanyagihugu barasemerera kugira ngo haboneke umuti ,ariko ishirahamwe REGIDESO rikica amatwi .

Umwe mubaganiriye n'ijwi ry'urwaruka, avugako afise ubwoba ko ako kanuko koba kadasanzwe ,bishoboka ko imyanda y'ishirahamwe SETEMU ,hoba haraho yahuriye nayo mazi .

Vyatanguye kwibonekeza muri Quartier ya Bwiza ,ariko ubu kigeze ku Buterere ,Kinama ,Mutakura ,na Cibitoke .

Abanyagihugu basanzwe bakoresha ayo mazi ,bafise amakenga ko atagikozwe bashobora kuhakura akarambaraye ,aha bakavuga nk'indwara zifitaniye isano n'isuku rike.

Gushika ubu abo ba nyagihugu nta jambo narimwe ribahumuriza barabwirwa inyuma yo kwitura ishirahamwe REGIDESO bakishurwa ko abandi ayo mazi bariko barayakoresha uko kandi ataco baraba ahandi naho bakabwirwa ko amazi atakibazo nakimwe afise .

Basaba ishirahamwe REGIDESO kubatunganiriza ,hakiri kare kuko ari uburenganzira bwabo kunywa amazi meza .

Ba barundi bari bafungiwe muri Mayotte barekuwe .------------------------------Aba barundi bagizwe n'abakobwa 4 hamwe n'...
29/08/2023

Ba barundi bari bafungiwe muri Mayotte barekuwe .
------------------------------
Aba barundi bagizwe n'abakobwa 4 hamwe n'abagabo 6,bari bamaze amezi ashika atatu bafungiwe muri komisariya y'igipolice bazira gusa ko ari abarundi.

Watsapp yacu +49 1521 3498050

Bose hamwe icumi bafashwe igihe bariko barasaba ubuhungiro mu gihugu c'ubufaranca mu gace ka Mayotte ariko guca batabwa muri yompi .

Umwe mu masoko yegereye iyo miyabaga ,avugako bashatse gusubizwa inyuma mu Burundi ariko ntivyakynda agira ati : " Baciye babahuza ku nguvu n'ubuserukizi bw'igihugu c'Uburundi mu mufaransa ,kubera bari bafunzwe hakoreshejwe amasanamu mukuvugana , ico bita videoconference ,baca babazwa ingorane bafise ariko gusanga baje bahunze ".

Amakuru yo kwizera avugako babanje kwanka kuganira na ambassade y'uburundi kuko bisa nko kuganira nuwo wahunze ,ni mugihe ambassade yo yemeza ko ata kibazo kiri mu Burundi ahubwo ko bakwiye gusubizwa mu Burundi, niko iryo soko ribivuga .

Reta y'igihugu c'ubufaransa mukubata mu mvuto ,yababwira ko igihe Ndayishimiye arongoye Uburundi aherukira mu Bufaransa, yavuzeko mu Burundi amahoro n'umutekano vyimakaye kubwivyo ata mpunzi Uburundi bugifise .

Ico nico catumye abo barundi icumi bafungwa ,ayo mezi yose mugihe abandi baje gusaba ubuhungiro barara rimwe mu kigo c'igipolice bwaca bakabandanya ,ariko bo nta n'umuntu n'umwe yaba uwiwabo canke umugenzi yari yemerewe kubasura iyo bafungiwe ayo mezi yose .

Kur'uyu wa 29 Myandagaro 2023,mu masaha y'imbere ya sasita ,niho hafatwa ingingo yo kubarekura ,ubu bakaba bariko barumvirizwa n'ikigo c'igihugu kijejwe abinjira n'abasohoka kugira bamenye ikibazo nya mukuru bafise .

Ni mugihe reta y'ubufaransa yo yamaze gushikiriza aho ihagaze,ko itazobasubiza inyuma mugihe batavyifuza kuko basanzwe bari muri porogarame ya CNDA " Court National de droit d'asile "

Mwomenya ko kuva aho habonekeye inzira yo mu gihugu ca Serbia 🇷🇸, urwaruka rwinshi rw'abarundi rwashoboye gushika mu bihugu vyinshi bihana urubibe nico gihugu,naho munyuma izo nzira zahavuye zugarwa .

Zuguru zuguru hagati ya Reta n'umugambwe   ,zirabandanya .Asaba impande zibiri zitumvikana mu mugambwe CNL kuja hamwe im...
26/08/2023

Zuguru zuguru hagati ya Reta n'umugambwe ,zirabandanya .

Asaba impande zibiri zitumvikana mu mugambwe CNL kuja hamwe imbere y’uko bemererwa gutunganya ikoraniro kaminuza nkuko umukuru wawo yipfuza. Ibi, Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu abivuze inyuma y'aho Agathon Rwasa arongoye CNL asavye umushikiranganji ko yoreka uwo mugambwe ukitunganiriza ibikorwa vyawo.

Uyu mushikiranganji avugako ataho yegamiye kandi intumbero ya reta ko atari ugusambura umugambwe wa Agathon Rwasa

Umushikiranganji Niteretse arashimangira ko abateguye inama rukokoma zabaye bahonyanze amategeko. Abasaba ko ibibazo biri mu ndongozi batobijana mu banyagihugu bo hasi. Umukuru w'umugambwe Rwasa asabwa kubanza gutegura inama y'indongozi gutyo bakabanza gutorera inyishu y'ibibazo bimaze imisi muruwo mu gambwe imbere yo gutegura ikoraniro kaminuza nkuko abisabwa n'uwo mushikiranganji .

Mukamenya ko atari ubwa mbere imigambwe ikomeye itavuga rumwe na reta icikamwo kubiri canke akarenga ,ariko ata narimwe reta yigera yemera ko yabigizemwo uruhare ,ari naho abafise amakenga ko ari reta ibikora ibicishije ku mushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu,bahera bavugako havuye ijambo .....

Mbega nawe niko uvyumva ?

Amahoro, bakunzi ba Radio peace fm ijwi ry'urwaruka ,ejo ku musi wa gatandatu ,aba ba nye politique ,bazoganira ku co um...
25/08/2023

Amahoro, bakunzi ba Radio peace fm ijwi ry'urwaruka ,ejo ku musi wa gatandatu ,aba ba nye politique ,bazoganira ku co umukuru w'igihugu Ndayishimiye arusha abandi ba président bose bagiye bararongora Uburundi.

Bamwe bati nta mwihariko afise ,abandi bati niwe aruta abandi bakuru b'ibihugu bose bahaciye .

Abatumire

1. Leonce Ngendakumana
2. Epithace Nshimirimana
3. Charles Nditije

Wewe ,mbega ubona harico arushije abandi ku bwawe ? Twandikire munsi .

Ivyiyumviro vyanyu bizodufasha .

Mugire ibihe vyiza

19/08/2023

Iki ni ca kiganiro Duhane Ijambo kivuga kubijanye n'ama coup d'etat mu Burundi, hamwe n'intwaro za Democracy ,abatashoboye kucumviriza ,ngico.

Tubafitiye n'igice ca kabiri caco, abo batumire bazoganira kubijanye nico umukuru w'igihugu Ndayishimiye Varisito arusha abandi ba kuru b'ibihugu bagiye baratwara Uburundi, baba abashizweho n'amatora ,guhirika ubutegetsi canke ibiringo mfata kibanza .


  ,ijwi ry'urwaruka, izobashikiriza ikiganiro kidasanzwe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Myandagaro umwaka 2023...
14/08/2023

,ijwi ry'urwaruka, izobashikiriza ikiganiro kidasanzwe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Myandagaro umwaka 2023.

Abatumire bacu ni

1. Epithace Nshimirimana avugira umugambwe MSD.

2. Charles Nditije atwara umugambwe UPRONA

3. Leonce Ngendakumana wo mu mugambwe FRODEBU .

Abo batumire nyene bakazoganira kubijanye n'itandukaniro riri hagati y'ubutegetsi bwishizeho ku nguvu ( Coup d'etat) n'intwaro zaciye mu matora .

Kizoremeshwa na Karangwa Joe Philbert guhera 18h zo ku mugoroba .

Nawe ufise ico wobivugako ,wodusigira ubutumwa munsi .

04/08/2023

No comment.........

Adresse

Berlin

Benachrichtigungen

Lassen Sie sich von uns eine E-Mail senden und seien Sie der erste der Neuigkeiten und Aktionen von Radio peace fm ijwi ry'urwaruka erfährt. Ihre E-Mail-Adresse wird nicht für andere Zwecke verwendet und Sie können sich jederzeit abmelden.

Service Kontaktieren

Nachricht an Radio peace fm ijwi ry'urwaruka senden:

Videos

Teilen

Kategorie


Andere Radiosender in Berlin

Alles Anzeigen