10/12/2025
Mu kiganiro ca Radio peace fm, umugambwe MSD wemeza ko ushigikiye abamaze guhitamwo inzira yo gukoresha inguvu mu gukuraho cndd-fdd.
Ahanini Muri kino kiganiro umuvugizi w'umugamwe MSD Epithace Nshimirimana, arasigura ko imyaka itanu Evariste Ndayishimiye amaze kubutegetsi, yasubije inyuma igihugu c’Uburundi ko atakintu nakimwe yigeze arangura.
Avuga ko abarundi aribo bazohitamwo inzira nyayo bazocishamwo mugukuraho ubutegetsi bw Cndd-Fdd kandi ko bazoyishigikira."Turashigikiye 100% abamaze kwerekana inzira yo kubogira igihugu hakoreshejwe umuheto ariwo muti" Avugira MSD
Uyu mu nyepolitike abandanya yemezako adatahura ukungene Mu Burundi, abasirikare bagowe co kimwe n'abanyagihugu basanzwe,aha akaba yariko arishura kuri ca kigazo c'abasirikare baheruka guhabwa igihano co kuzunguruka uburundi mu ntumbero yo kwigishwa akarangamutima ka gisirikare nkuko vyavuzwe n'indongozi .
Epithace Nshimirimana ku bwiwe ,avuga ko kuva yabaho atari bwigere abona intwaro ikora amarorerwa mu gutwara igihugu "Aho ubona ndakuze ,ariko sinari bwigere mbona intwaro nk'iya cndd-fdd, yica ,inyuruza ikanangaza abanyagihugu bayo " Epithace Nshimirimana
Arongera ati: "Evariste Ndayishimiye niwe yahiritse ubutegetsi ni nawe azobazwa vyose"
⤵️↕️⬇️
Muri kino kiganiro umuvugizi w'umugamwe utavuga rumwe na Reta ya Ndayishimiye MSD,avuga ko umugambwe cndd fdd yatsinze amatora ya mbere yo 2005,yonyene ,ayan...