KUGASAKA WEB TV

KUGASAKA WEB TV La voix des sans voix

18/01/2025

Shout out to my newest followers! Excited to have you onboard! Aster Manirambona, John Peter, Eric Niyonzima, Jean Claude Nduwayo, Théodore Ntihebuwayo, Jimy Michael Nininahazwe, Obède Ndayikengurukiye, Nzojibwami Philbert, Ernest Bukuru, Amissi Noyihiki, Ndayizigiy August, Aston Ntir

 # Burundi  abansi----------------------Abasrikare b'abarundi barungitswe gufashanya y'igisirikare ca Repuburika iharani...
16/01/2025

# Burundi
abansi
----------------------

Abasrikare b'abarundi barungitswe gufashanya y'igisirikare ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya bahagaze neza.

Ivyo vyashikirijwe n'umuvugizi w:igisirikarec' ,Gaspard Baratuza mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru mw'itangazo yasohoye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16/ Nzero/2025.

Uwo muvugizi w'igsirikare c abandanya avugako abasrikare b ,barangura ibikorwa vyabo barungitsemwo babikora neza cane ,bakoresheje ubuhinga,ubukerebutsi n'unwotonzi ntangere,busanzwe buranga abasirikare n'igihugu cacu,bahurikiye mu rwego rwo kwivuna abansi.

Urwo rwego ngo ruriyamiriza ,abihaye,ubuhizi bwo gukwiragiza,inkuru z',ibinyoma Ku mbuga ngurukanabumenyi zicafuza ingabo z'igihugu cacu aho atayindi ntumbero bafise,atari ugushaka gusasira indava inkozi z'ikibi,no gushaka guhahamura abarundi nibereye mu mahoro ndetse no gushaka guca intege ingabo zacu,ziriko zirangura neza imirimo zijejwe aho ziri hose.

Urwego rwo kwivuna abansi rw ,rumenyesha kandi ko ruzobadanya kurangura neza imirimo rujejwe harimwo no kugarukana amahoro n'umutekano.

Rurasaba abasirikare aho bari hose kudaha amatwi basesankuyoze kenshi bakoresha imbuga ngurukanabumenyi,rubibutsa kumviriza,ivyo abaringoye bababwira,nkuko bisanzwe bitunganijwe neza muri urwo rwego mu mirimo rurangura mu minsi yose na hose.

Ivyo abishikirije mu gihe haheze iminsi havurwa abasirikare b ,basiga ubuzima mu mirwano ibera mu gihugu ca Congo,aho ico gihugu abasirikare baco bari mu mirwano n'umahari ,ufashwe mu mugongo n'igihugu c ,nkuko
bivurwa mu maraporo ya ,ariko Urwanda rukaba rubihakana.

bukaba bufitaniye amasezerano n'igihugu ca yo gufashanya mu vya gisirikare.

Web TV
butagira imbibe

  ---------------Ibikorwa vyo kubaka inyubakwa ya komine Ngozi igeretse gatatu mu ntara nshasha ya   birabandanya,aho ab...
16/01/2025



---------------

Ibikorwa vyo kubaka inyubakwa ya komine Ngozi igeretse gatatu mu ntara nshasha ya birabandanya,aho abantu benshi bavyitabiriye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Nzero 2025,guhera igihe c'isaha icenda zo ku
muhingamo,aho abenegihugu bagize amazone n'imitumba bigize komine bitavye akamo batewe na musitanteri wa komine ya nkuko twavyiboneye no mu gatondo ko kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Nzero 2025.

Akaba yabahamagarira kuza kwifatanya n'abandi mu guponda isima,guhereza no gufasha kubaka iyo nyubakwa biciye mu bikorwa rusangi.

Abenegihugu twasanze bariko barakora abandi bubaka, bavugako hariho abaharaye abandi nabo bahazindukiye,kugira bitabire akamo ka musitanteri kuko yasavyeko hogera itariki 17 Nzero 2025,iyonyubakwa yaheze kubakwa ,arico gituma yararitse abenegihugu bo mu mitumba n'amazone kwitabira ako kamo.

Kubasanzwe barangura akazi ko kudandaza,hasabweko umuntu yo kugurura yabanje kuja kwifatanya n'abandi muri ico gikorwa co kubaka iyo nyubakwa ya komine.

Ivyo bikaba vyatumye abenegihugu barara nti buca kugira baze kwiyubakira iyo nyubakwa aho indongozi zabo zizokorera ,mugufasha guhereza ibeto,nkuko babitwiganiye.

Ivyo bikorwa bikaba vyitabiriwe n'indongozi zitandukanye zo muriyo komine,aho n'umunyabanga mukuru w'umugambwe uri kubutegetsi ku rwego rw'intara ya yahishikiye.

Ivyo bikorwa bikaba bitegekanijwe ko bizohera ejo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 17 Nzero 2025.

Web TV
butagira imbibe

 # Ngozi  -------------------Bamwe mu banyonga ivyuma vyo mw'ibarabara baridoga bavugako n'abafise bwa buhinga bwa none ...
15/01/2025

# Ngozi

-------------------

Bamwe mu banyonga ivyuma vyo mw'ibarabara baridoga bavugako n'abafise bwa buhinga bwa none bwo kunywa igitoro bita ko batakironswa bose.

Bakavugako badashikirwa canke inomero babaha ngo zikagurishwa kubandi,mugihe nabo baribatonze.

Ivyo rero ngo bituma baguma bagura igitoro ca magendo .

Bamwe muribo twayaze basamzwe bakorera mu ntara ya # Ngozi,kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Nzero 2025,mu gisagara ca Ngozi,bavugako kugira ibiciro vyo kwiyunguruza bigabanuke ,ngo nuko bose boronswa igitoro,kandi kugiciro ca Leta,kuko ngo iyo batakironse bakigura gigiciro kirenze.

Ivyo biri uko mu gihe ikibuni kinini bakigura amafaranga ibihumbi 23000 frbu kuri magendo,nayo ibido y'amalitilo 20 litres ,bakayigura hagati y'amafaranga ibihumbi 270 000 frbu ,n'ibihumbi 300 000 frbu,mu gihe ilitilo ya esanse ( essence) itagomba kurenza amafaranga ibihumbi 4500 frbu ku giciro ca Leta.

Ivyo bikagira ingaruka mbi ku biyunguruza,kuko aribo badugirizwako ibiciro,aho kwiyunguruza ategerezwa kongerako amafaranga menshi ku giciro ca Leta.
Akarorero ka hafi ni kubiyunguruza bava mu gisagara ca Ngozi baja i Muyinga,na batanga amafaranga ibihumbi 20 000 frbu,mu gihe yari 6500 frbu ku giciro cemewe n'amategeko ya Leta .

Kuva mu gisagara ca Ngozi uja i ,barihisha 25000 frbu kuri Hiace Probox40 000 frbu mu gihe igiciro ca Leta ari 12000 frbu.
Ku baja mu Kirundo basabwa 20 000frbu,mu gihe abaja mu Kayanza basabwa 15000 frbu mu gihe yari inoti ya 5000 frbu.

Abaja mu Rukeco bagasabwa 3500 frbu mu gihe atarenga 2000 frbu.

Abiyunguruza hagati mu gisagara ca Ngozi bakoresheje amapikipiki nabo nyene ibiciro vyaraduze kuva ku 1000 frbu kugera kuri 2000 frbu,kuko aho umuntu yatanga 500 frbu,ubu arihishwa 1500 frbu,2000 frbu no kuduga.

Abagendesha amapikipiki bamwe bakavugako nako kabanga ka PASS,atako bagira ,kubera kubura vya ngombwa bikwiye ,nka Contrôle Technique n'ibindi bakikora kugitoro ca magendo.

Uwujejwe igipolisi mu ntara ya Ngozi ,akaba yari yasavye abafise amapikipiki,atagira vya ngombwa ko boba barayabitse bakazosubira gukora babironse.

Iryo bura ry'igitoro rikaba ryagize ingaruka mbi no kubarungika ubutumwa (Courrier),aho ibahasha yarungikwa ku mafaranga ibihumbi 2000 frbu canke3000 frbu,ubu bakaba basaba 5000 frbu .
Kuwurungika akazigo gatoyi kahora gasaba 3000 frbu ,ubu basaba ibihumbi 10 000 frbu.

Abagendesha ivyo vyuma (Chauffeur ),bakavugako bivana no kubura igitoro ,nico baronse kuri magendo bakigura kizimvye co kimwe n'ama inite bakoresha,mu guhamagara abo babiha.

Abagendesha ivyuma vyo mw'ibarabara bagasaba abajejwe intwaro gukoresha amategeko n'ubuhinga bworohereza bose mu kuronswa igitoro.
Bakavuga ko vyofasha abiyunguruza,n'abunguruza ibintu n'abantu.

Web TV
butagira imbibe

    -------------Ikiringo co gutanga amafaranga y'umwavu congerejwe gushika igenekerezo rya 20 Nzero 2025.Mw'itangazo ry...
14/01/2025



-------------

Ikiringo co gutanga amafaranga y'umwavu congerejwe gushika igenekerezo rya 20 Nzero 2025.

Mw'itangazo rya shizwe ahabona kuri uyu wa mbere igenekerezo rya ,13 Nzero 2025,ubushikiranganji bw,uburimyi n'ubworozi bumenyesha,abarimyi ko bobandanya bariha mu mabanki abegereye,n'amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana nka Poste,COOPEC,MUTEC ,.n'izindi.

Ni mugihe ico kiringo cari kurangira igenekerezo rya 15 Nzero 2025.

Ubwo bushikiranganji bugahimiriza abarimyi kwijukira amakoperative,kandi bukamenyeshako abatararonka umwavu wo mugatasi (SaisonA 2024), bobandanya kuja mu mazone
kuwutora.

Abajejwe intwaro n'abajejwe uburimyi n'ubworozi bagahimiriza abenegihugu.

Web TV
butagira imbibe

  -----------------Abahora arabakozi batatu mu biro vy'umukuru w'igihugu bajejwe ibibazo bijanye n'ubutungane,ubu babari...
13/01/2025



-----------------

Abahora arabakozi batatu mu biro vy'umukuru w'igihugu bajejwe ibibazo bijanye n'ubutungane,ubu
babarizwa mw'ibohero rikuru rya bita .

Nkuko amakuru yumvikanye kw'iradiyo y'abafaransa ,abo bakozi,Jean Baptiste,yari ajejwe ibiro bijanye n'ubutungane,Simbona Cyrille yarajejwe gutunganya intwaro na Harerimana Arcade yari umuhanuzi,ngo baribamaze iminsi bapfungiwe mw'iperereza ,aho bariko barabazwa.

Abo nabo bakaba bakuwe n'itegeko rw'umukuru w'igihugu ,bagirizwa gucafuza,no guhemukira urwo rwego,mu kurekura abanyororo bagirizwa ,ubwicanyi no gufata ku nguvu mu mabohero ya Bururi na Rutana .

Abo nabo ngo bakaba bikitse inyuma y'ikigongwe co gutezurira abanyororo c'umukuru w'igihugu,aho hari hategekanijwe kurekura abarenga gato ibihumbi bitatu.

Amakuru ava mu mashirahamwe aharanira agateka k'abanyororo akavugako murabo bari kurekurwa ,abarenga gato ibihumbi bine ngo nibo barekuwe, 28 nabo ngo barekuwe bitari bikwiye ko barekurwa.

Mu kiganiro umukuru w'igihugu yagiranye n'abamenyeshamakuru ,abaserukira abandi n'abenegihugu,mu mpera z'uyu mwaka turangije wa 2024 mu gisagara ca Bujumbura,uwuserukira ishirahamwe NtabarizaJean Marie Shimirimana ,yari yamenyesheje ko muri uwo mugwi hibonekejemwo amanyamga mu kurekura abatari bakwiye kurekurwa .

Bikavugwa ko abo bakozi bakuru bo mubiro vy'umukuru w'igihugu bajejwe ubutungane basaba ibiturire,amafaranga ku banyororo basabwa kuriha amafaranga y'indishi y'akababaro, kubarekuwe n'ikigongwe c'umukuru w'igihugu.

Bikavugwako n'ubu hari abatararekurwa niyo ngingo,mugihe umukuru w'igihugu yari yasavye ko bitorenza indwi zibiri .

Web TV
butagira imbibe.

 # Burundi # Ubutungane-----------------Jean Baptiste Baribonekeza ,Cyrille Sibomana na Arcade Harerimana,bahagaritswe m...
09/01/2025

# Burundi
# Ubutungane
-----------------

Jean Baptiste Baribonekeza ,Cyrille Sibomana na Arcade Harerimana,bahagaritswe mu mabanga ayabo bahoramwo mu biro bikuru vy'umukuru w'igihugu.

Abonabo uko ari batatu bakaba bagirijwe kurekuza abantu bagirizwa gufata ku nguvu n'ubwicanyi mu mabohero ya Bururi na Rutana.

Ni mugihe bahora bajejwe ibijanye n'ubutungane mu biro vy'umukuru w'igihugu mu gihe bariko bariga amadosiye y'abanyororo batezuriwe n'ingingo y'umukuru w'igihugu.

Ico caha cakozwe kigafatwa nko gucafuza urwego rw'umukuru w'igihugu.

Web TV
butagira imbibe
.

  -------------Abadandaza ,aborozi n'abandi bavyipfuza barashobora kugura intete z'ibigori,ikilo kimwe ku mafaranga ibih...
09/01/2025



-------------

Abadandaza ,aborozi n'abandi bavyipfuza barashobora kugura intete z'ibigori,ikilo kimwe ku mafaranga ibihumbi 2300 frbu,kuva kuri uyu wa 9 Nzero 2025 mu kigo ANAGESSA.

Mw'itangazo ryasohowe n'ubushikiranganji bw'uburimyi n'ubworozi ryasohotse kuri uyu wa gatatu ,abakeneye kugura ivyo bigori basabwa kwandikira ikete ico kigo,nahobipfuza gutorera ivyo bigori.,maze bakaritanga mukigo ANAGESSA Kiri i Gitega,kugira bwaronswe ivyo bigori,kuva igenekerezo rya 9 Nzero 2025.

Abo bipfuza bakamenyesha urugero rwivyo bigori bipfuza,bakazokwimwenya ku mifuko nuko bazovyunguruza.

Web TV
butagira imbibe.

 # Ngozi Haracibonekeza kubwinshi abana bo mwibarabara banywa ibiyayuramutwe muri komine ni ntara ya Ngozi.Nkuko twavyib...
09/01/2025

# Ngozi


Haracibonekeza kubwinshi abana bo mwibarabara banywa ibiyayuramutwe muri komine ni ntara ya Ngozi.

Nkuko twavyiboneye mugatondo ko kuruyu wa 4 ingenekerezo rya9/1/2025 mu gisagara ca Ngozi hari abana bakinywa ivyo biyayuramutwe bakavugako babinywa mu ntumbero yo kwimara ingorane bafise(stress).

Umwe mu bana twayaze yatwiganiyeko yaje mw'ibarabara ku bwingorane zari mu muryango ,aho wasanga ataronka ivyo afungura agatako agakubitwa kuko yararezwe na mukase .

Uwo mwana avugako anywa ivyo biyayura mutwe kugira ntagume yiyumvira ubuzima abayemwo.

Avuga kandiko mubana bagendana bose basangiye ibibazo kuko vyose biva mu miryango babamwo.

Web TV
butagira imbibe.

Abo Bana basaba abajejwe intwaro kubafasha kuko ng'ubuzima babayemwo batabwishimira ahubwo babura uwubafata ukuboko.

 # Ngozi # Uburimyi--------------Abarimyi baramenyeshejweko iriha ryamahera yibanze ariyo avance ryatanguye kuva ingenek...
08/01/2025

# Ngozi
# Uburimyi
--------------

Abarimyi baramenyeshejweko iriha ryamahera yibanze ariyo avance ryatanguye kuva ingenekerezo rya gatandatu nzero 2025 rikazosozerwa ingenekerezo rya 15/1/2025 kandi ico kiringo kikaba kitazokwongerwa ivyo bikaba vyashikirijwe nubuyobozi bwibidukikije uburimyi n'ubworozi muntara ya ngozi mwitangazo ryasohowe ingenekerezo rya 8/1/2025.
Muriryo tangazo bukaba bumenyesheje abarimyi Bose muntumbero yokwitegurira umwaka wa 2025(saison 2025B)ko boriha avance yifumbire nishwagara kuko bayironswa kugiciro kitavuna.

Buributsa kandiko irihwa ryayo mahera Ribera muri POSITA,COPEC,BCAB,MUTEC,CECM,canke kuburyo bwanone kuri terefone ngendanwa ya LUMITEL mugisata ca LUMICASH .

MENYA NEZA: kubarimyi bagifise amatike ya gatasi ka 2025 basabwe gushishikara baja gutora ifumbire n'ishwagara ukwo bigenda biraboneka kubatanzi bifumbire babegereye.

Abatanzi bifumbire nabo basabwa kworohereza abarimyi bazobitura bongere babike neza amatike bazoba bahawe nabarimyi mwakino kiringo cinyuma yitangwa ryifumbire n'ishwagara rya 2025 A.

# Kugasaka Web TV
# Ubutabazi butagira imbibe

Abagabo batatu n'umukenyezi umwe bitavye Imana bahitanywe n'isanganya ry'imodoka Aho bita icibare urenganye kuri antenne...
08/01/2025

Abagabo batatu n'umukenyezi umwe bitavye Imana bahitanywe n'isanganya ry'imodoka Aho bita icibare urenganye kuri antenne muri komine n'intara ya Muyinga .

Iryo sanganya rikaba ribaye mugitondo co kuri uyu wakabiri ingenekerezo rya 7/1/2025.

Intandaro yiryo nsanganya rikaba ryaturutse kumumotari yarahetse abantu batatu aca adubura imodoka iri mubwoko bwa Probox aca asekana nimodoka yigisirikare( benshi bita je m'enfoue).

Nimugihe abajejwe intwaro bama basaba abagendesha ivyuma kutagira umuvuduko Urenze.

  ------------Abanyeshure baronse mu kibazo ca Leta kibaha uburenganzira bwo kwiga muri kaminuza y'  kuva Ku manota 50,5...
08/01/2025



------------

Abanyeshure baronse mu kibazo ca Leta kibaha uburenganzira bwo kwiga muri kaminuza y' kuva Ku manota 50,5,%kuduga basashobora kwitandukisaha mu ,mu bisata bitandukanye.

Ubushikiranganji bw'indero bukaba mw'itangazo bwashize ahabona ko abatiyandikishije muri kaminuza y' bashaka kw'iyandikisha mu bisata biri muri ENS,kw'iyandikwa rizogera igenekerezo rya 11 Nzero 2025.

  ---------Ukwezi kurenga kuraheze bataronswa amazi mu gabo,hari bamwe bayaronka mu gisagara ca  # Ngozi,bakibaza ico bi...
07/01/2025



---------

Ukwezi kurenga kuraheze bataronswa amazi mu gabo,hari bamwe bayaronka mu gisagara ca # Ngozi,bakibaza ico bivako bakabura.

Iyo myidogo ya bamwe mu benegihugu bo muri karitiye Rubuye komine n'intara ya Ngozi,bakaba babimenyesheje kuri uyu kabiri igenekerezo rya7 nzero2025.
Abenegihugu bakavugako badatahura ukuntu bamara ico kiringo atamazi baronswa kandi haraho abayaronswa begeranye bigatera amakenga menshi batayaronka.

Umwe mu benegihugu twayaze yatumenyesheje ko bibagora cane mugihe atamazi bafise kuko aho bayakura haca hababera kure kandi kugira baronke uwuyabavomera basabwa amahera menshi.
Avugako ibido iva mu mwonga ishika mu muji ihagera kubihumbi bibiri nayo iyiva kumabombo rusangi basaba amajana abiri uwuyizanye nawe agasaba amajana atanu,bakavugako mukwezi amazi abatwara amafaranga yababa ibihumbi mirongitanu.

Agasaba abajejwe intwaro kwiga ikibazo c'amazi kugira abenegihugu bose bayaronswe kandi kurugero rumwe ,ngo vyotuma imiryango itekana kuko myinshi muriyo itaburyo ifise bwo kuvomesha amazi mu gihe n'ibifungurwa vyaduze.

Ico kibazo kikaba kivurwa no muri karitye Gisagara,aho hariho aho amabombo yumye,ndetse no
muzindi karitye zitandukanye .

Ivyo biri uko mu gihe abajejwe intwaro n'amagara y'abantu basaba abenegihugu ku gira isuku ,mu ntumbero yo kurwanya ingwara zitandukanye,kuko amazi ari ubuzima.

# Kugasaka Web TV
butagira imbibe

  ----------Mu gihe igice ca kabiri c'umwaka w'ishure watanguye kuri uyu wambere igenekerezo rya 6Nzero 2025,amashure nk...
06/01/2025



----------

Mu gihe igice ca kabiri c'umwaka w'ishure watanguye kuri uyu wambere igenekerezo rya 6Nzero 2025,amashure nkayose agize igisagara ca Ngozi yitabiriye akamo ku mushikiranganji w'indero yatanze.

Ako kamo kakaba kitabiriwe mumashure yose agize igisagara ca ndetse no mu gihugu cose bikaba vyagiye vy'ibonekeza naho twagiye turaca kumashure amamwe,akarorero nikuri Ecofo Kanyami, Comibu,Lycée ,Children's Future School, Lycee Technique Pearson abana nkabose bari bash*tse kumasaha bama batondera,abatarashika nabo nabasanzwe baba mu makomine no mu ntara zitandukanye kubera ikibazo co kwiyunguruza kitoroshe hamwe, ababigisha bava kure ntibaratonda ariko kubaba hafi batonze kugihe nkuko vyama .

Ivyo bikaba vyahimbaye abavyeyi n'abana kuko abataronse amanota meza bagiye kwisuzuma no gukora neza mukwitaho ivyirwa ahatagenze neza bazohakosore muri kigice ca kabiri.

Web TV
butagira imbibe

05/01/2025



----------------

Harasozerwa yubile y'imyaka mirongo itanu(50ans)ubutumwa bw'imikangara y'Imana bumaz butanguye mu .kuruyu wa gatandatu ingenekerezo rya 4 nzero 2025.

Ivyo birori vyatanguriye ku nkuka y'imisa yaherejwe muri cathédrale y'i bikaba vyari vyitabwe nabasenyeri bo mu abihebeye Imana bo mu ma atandukanye, buramatari w'intara ya Ngozi n'abandi bategetsi batandukanye.

Mw,'ijambo uwatanze inyigisho yashikirije Musenyeri Yohakimu Ntahondereye yibukije abakristu bari ngaho ko bokwama bibuka yuko atawutanga ico adafise ahubwo bame bibuka nogusenga gutyo Imana ibandanye yuhira.

Yasozereye asaba urwaruka kwama rugavye rukirinda abo bose boza bashaka kuruyovya,abasabira no ku Mana ko yokwama ibayobora.

Patiri Juvenal asanzw ari umurezi kwi seminari nkuru y'i akaba n'umuyobozi w'ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha inkuru nziza ngaha mu burundi,mukiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru yamenyesheje ibikorwa bikuru bikuru vyaranguwe mu kumenyesha inkuru nziza ya Yezu kristu.

Abana baratahuye yuko uwabatijwe wese ari umukristu gutyo bigatuma abana baronka indero rukristu,indero runtu,baratahuye yuko uwabatijwe wese ari umutumwa wa Yezu kristu.

Ico bakoze bamaze gutahura kwari abatumwa ba kristu kwabaye kwitwararika abana bagowe bo kw'isi yose.

Kuko ukwo umwaka utashe igihe nk'iki baregeranya imfashanyo iheza ikaja mu biro vy'ubutumwa kwa Papa iheza igafasha abo bana bagowe nino i ikagaruka bagafasha abana bari mu marerero atandukanye.

Yarangije asaba abana ko bobandanya bafise.iyo ndero rukristu indero runtu.

Ivyo birori vyasozerewe n'urungendo rwokuja kuraba abana bavukiye mw'ibohero n'abakuriyeyo,mw'ibohero ry'abakenyezi ngaha ingozi'aho babashiriye ibahasha irimwo amafaranga arenga imiriyoni zitanu kugira bazobagurire vyankenerwa.

Iyo bahasha ikaba yashikirijewe abaringoye iryo bohero,abobana nabo barikumwe n'abavyeyi muri iryo bohero bakaba bagera kw'icumi n'indwi.

  ----------------Harasozerwa yubile y'imyaka mirongo itanu(50ans)ubutumwa bw'imikangara y'Imana bumaz butanguye mu  .ku...
05/01/2025



----------------

Harasozerwa yubile y'imyaka mirongo itanu(50ans)ubutumwa bw'imikangara y'Imana bumaz butanguye mu .kuruyu wa gatandatu ingenekerezo rya 4 nzero 2025.

Ivyo birori vyatanguriye ku nkuka y'imisa yaherejwe muri cathédrale y'i bikaba vyari vyitabwe nabasenyeri bo mu abihebeye Imana bo mu ma atandukanye, buramatari w'intara ya Ngozi n'abandi bategetsi batandukanye.

Mw,'ijambo uwatanze inyigisho yashikirije Musenyeri Yohakimu Ntahondereye yibukije abakristu bari ngaho ko bokwama bibuka yuko atawutanga ico adafise ahubwo bame bibuka nogusenga gutyo Imana ibandanye yuhira.

Yasozereye asaba urwaruka kwama rugavye rukirinda abo bose boza bashaka kuruyovya,abasabira no ku Mana ko yokwama ibayobora.

Patiri Juvenal asanzw ari umurezi kwi seminari nkuru y'i akaba n'umuyobozi w'ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha inkuru nziza ngaha mu burundi,mukiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru yamenyesheje ibikorwa bikuru bikuru vyaranguwe mu kumenyesha inkuru nziza ya Yezu kristu.

Abana baratahuye yuko uwabatijwe wese ari umukristu gutyo bigatuma abana baronka indero rukristu,indero runtu,baratahuye yuko uwabatijwe wese ari umutumwa wa Yezu kristu.

Ico bakoze bamaze gutahura kwari abatumwa ba kristu kwabaye kwitwararika abana bagowe bo kw'isi yose.

Kuko ukwo umwaka utashe igihe nk'iki baregeranya imfashanyo iheza ikaja mu biro vy'ubutumwa kwa Papa iheza igafasha abo bana bagowe nino i ikagaruka bagafasha abana bari mu marerero atandukanye.

Yarangije asaba abana ko bobandanya bafise.iyo ndero rukristu indero runtu.

Ivyo birori vyasozerewe n'urungendo rwokuja kuraba abana bavukiye mw'ibohero n'abakuriyeyo,mw'ibohero ry'abakenyezi ngaha ingozi'aho babashiriye ibahasha irimwo amafaranga arenga imiriyoni zitanu kugira bazobagurire vyankenerwa.

Iyo bahasha ikaba yashikirijewe abaringoye iryo bohero,abobana nabo barikumwe n'abavyeyi muri iryo bohero bakaba bagera kw'icumi n'indwi.

    ---------------Ibitungwa bitanu vyarapfuye buca ari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4 Nzero 2025 mugacimbiri R...
04/01/2025



---------------

Ibitungwa bitanu vyarapfuye buca ari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4 Nzero 2025 mugacimbiri Ruce,umutumba Muganza zone Rwegura muri komine Muruta mu ntara ya .

Ivyo bitungwa uko ari icenda, ngo vyariwe n'igikoko coba cavuye mu Kibira,bitanu bikaba vyarapfuye ibindi bine birakomereka .

Aborozi bivyo bitungwa ishavu rikaba riniga,kubera ivyo bitungwa vyariwe n'igikoko kitaramenyekana.

Mwo kwibukako no muri komine Kabarore mu Rugazi higeze kuvugwa ibitungwa vyariwe n'igikoko kivuye mu Kibira ,aho cabisanze mu mpongore.

Subwambere havugwa ibikoko biva mu Kibira bikonona imirima,canke ibitungwa .
Hakaba hari n'abantu bafashwe Ku mutumba Mpfunda muri komine Muruta kuko bari bishe imampfu bongera barayibaga,nayo nyene bakavuga koyari yaje kuri uyo mutumba ivuye mu Kibira.

Abenegihugu bagasaba ko i Kibira cokingirwa neza n'ivyabo bigakingirwa .

Web TV
butagira imbibe

Address

NGOZI
Ngozi

Telephone

+25779840630

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when KUGASAKA WEB TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to KUGASAKA WEB TV:

Videos

Share