Radio Eagle Sport FM

Radio Eagle Sport FM Radio Eagle Sport FM émettant depuis MAKAMBA sur 88.0 Mhz INKINO, ITERAMBE http://104.248.46.139:8000/eaglesportsfm.mp3

EL CLASSICO NA BuBET⚽🔥BuBET ni iyambere itanga uburusho bwinshi kandi Utsinze Uraronka 💰 📱Tigira uciye Kuri bubet.bi ,ut...
10/01/2026

EL CLASSICO NA BuBET⚽🔥

BuBET ni iyambere itanga uburusho bwinshi kandi Utsinze Uraronka 💰

📱Tigira uciye Kuri bubet.bi ,utsinde kandi wibuke ko ryahiganwa rigutuma utsindira i Moto 🏍️ itanwa igitoro rirabandanya.

👉Raba ngaha uko uza kuronka 👕 y'umugwi ukunda :
https://www.facebook.com/100075671065550/posts/897500482782312/
🤝www.bubet.bi hama ukoreshe code parrainage: INKINO

  ikuye amanota atatu kuri   the Queens mukubatsinda bibiri kuri kimwe.PVP Buyenzi yatsinze ivyo bitsindo vyose mu gice ...
10/01/2026

ikuye amanota atatu kuri the Queens mukubatsinda bibiri kuri kimwe.

PVP Buyenzi yatsinze ivyo bitsindo vyose mu gice cambere c'urukino bafashijwe n'umukinyi yatsinze icambere na yatsinze ica kabiri.

Egide nshimirimana amenyereza PVP Buyenzi yashimye uko abakinyi biwe bigenjeje nubwo ngo kuva Ku munota wa 65 w'urukino berekanye uburuhe akamenyesha kandi ko ihangiro ryuwo mugwi ari gusubira mu cicaro cambere.

Ku ruhande gwa aigle noir women bo ngo kimwe muvyatumye batsindwa ni uburuhe bw'urugendo bagize kuva i Makamba bagashika bakina atakanya gakwiye KO kuruhuka baronse.

Ubu Abo b'igeme ba Aigle noir women baratanguye urugendo rubasubiza i Burunga iyo bazindutse bava.

10/01/2026

bari mu rugendo rubashikana kuri centre technique mu gisagara ca Bujumbura Aho baza gutana mu mitwe na isaha icenda kukaburungu

Ni kundwi y'indwi y'ihiganwa ry'icicaro ça kabiri mu cicaro ça kabiri Aho Aigle noir women bari mu kibanza ca gatatu n'amanota 11 mu gihe umugwi wa PVP bo bari mu kibanza ca kabiri n'amanota 12

Mugumize kuri 88.0 abandi kuri 97.9 insamirizi Eagle Sport FM yarungitseyo NIYUHIRE Audrique aze kubashikiriza urwo rukino.

Bizoba bipanze uku kuri   kuruyu wa 11 Nzero 2026.Hazotangura igikorwa co gukengurukira Imana ibindi bizokurikira munyum...
09/01/2026

Bizoba bipanze uku kuri kuruyu wa 11 Nzero 2026.

Hazotangura igikorwa co gukengurukira Imana ibindi bizokurikira munyuma nimuvyirabire aha👇👇👇

Hako wosiba kuri runo rukino wopfuma uceregwa😄‎🗣️‎Aba comédiens batandukanye nka  ,   n'abaririmvyi nka  ,   tutibagiye ...
09/01/2026

Hako wosiba kuri runo rukino wopfuma uceregwa😄

🗣️‎Aba comédiens batandukanye nka , n'abaririmvyi nka , tutibagiye n'abandi ba artistes b'i makamba bavuga ko bazoba bakajike Ku rukino rw'umupira w'amaguru rugiye kubahuza n'umugwi nserukira Shure wa IPTM ejo kuwa gatandatu 10/1/2026 Aho intumbero ngo ni gukomeza ubucuti, kumenyana, kwipfurizanya umwaka mushasha n'ibindi.

🤝‎Mu mugwi wa IPTM harimwo imisore inyaruka cane, mubasani ho uza wumva ngo je nubwo nagiye mubindi, football narayikina sana ngo rero banyitege😅

🥅⚽‎Urukino ruzotangura isaha icenda kukaburungu ku kibuga c'umupira w'amaguru Kiri impande ya dodane Aho bita kwa Bayubahe. kwinjira umwana ni igihumbi(1000) uwukuze(2000) uwushaka guterera ni ibihumbi cumi (10.000)

🎥‎Abo mubona kumbuga hwaniro Niko karyo KO kubabona Amaso muyandi Ku kibuga.


Tugaruke kuri   n'abafana ba aigle noir barangije umwaka bakoze kirya gikorwa co kwibuka bagenzi babo.‎‎Kuwa 27 kigarama...
08/01/2026

Tugaruke kuri n'abafana ba aigle noir barangije umwaka bakoze kirya gikorwa co kwibuka bagenzi babo.

‎Kuwa 27 kigarama umwaka wa 2025 umugwi w'abafana b'intamba mu rugamba barakoze ibishoboka vyose baduga bava mu gisagara ca Bujumbura baduga i kubonana n'abafana ba aigle noir kugira bibukire hamwe abafana ba aigle bahitanwe n'isanganya ry'imodoka ryo mu mwaka wa 2018 https://www.facebook.com/100087035113003/posts/839738938937269/?app=fbl

‎Ibirori vyo kubibuka vyatangujwe n'urukino Aho abafana ba aigle noir batsinze 5 kuri 2 vy'abintamba. Urubanza gwabandanije basangira ijambo n'akarahuri Aho abavyeyi hamwe n'abasigwa babo bahisi bari batumiwe maze nyamukuru bapfunditse akaba ari ibi:

‎1. Gushigikira imiryango y'abafana ba aigle noir baburiye muri iryo sanganya hamwe n'uwumufana yari akomeye cane w'intamba mu rugamba batazira #100$.

‎2. Gushiraho umugwi w'abafana b'intamba mu rugamba b'i makamba kuburyo umugwi nserukira gihugu wakiriye inkino bazohora baja kuwushigikira i Bujumbura.

‎3. Kwama bitanaho nk'abafana maze bagasaba nuko ihiganwa rihuza abafana bo mu gihugu cose ryojaho.

‎4. Gusaba ko uburongozi bwa Aigle noir hogera igihe bukabafasha ko abafana bo mu Burundi boza barakina n'abo mu gihugu ca tanzaniya n'abahandi biciye muri


‎Turangize dutumirira abafana ba Aigle noir n'aba vitalo kuzokwitabira ibirori vyo kuruyu wa 11 Nzero 2026.

‎💎Kubwa Arakaza Mac Arthur   ngo abakinyi baramuwe na   ntaco babona boha uwatanguje uwo mugwi ariwe Nyeniteka Reverien ...
07/01/2026

‎💎Kubwa Arakaza Mac Arthur ngo abakinyi baramuwe na ntaco babona boha uwatanguje uwo mugwi ariwe Nyeniteka Reverien NDIKURIYO ngo bamushimire kuvyiza yabagiriye.

‎💎Mu gihe aigle noir igiye kwakira vitalo fc kuri NPPCS kuruyu wa 11/12/2025, Arakaza Mac Arthur yahoze asamira uwo mugwi wo bumanuko bw'igihugu aganira na Eagle Sport FM kuruyu wambere yagize ati: nyeniteka yaratureze muri aigle noir Ubu ntaco tubona twomuha ngo tumushimire ariko tuza turagerageza basi kumobilisa abafana hirya no hino kugira dushigikire umugwi waturamuye kuko na tumuriye akara acagira icakoze. Muvyo dukora rero turatumira n'abaririmvyi bagateramisha abakunzi b'inkino baba baje kukibuga mbere n'imakamba twaratumyeko ngwazoteramishe abazoza kuraba aigle noir na vitalo gutyo twuzuze ikibuga n'abanyabujumbura babone KO tutuzuza stade intwari gusa ahubwo twuzuza na NPPCS kandi n'abaririmvyi bo ngaho muhira i tuba twipfuza KO baza baraboneka Ku kibuga".

‎💎Arthur yarongeye ashimira Eagle sport FM muvyo ikora KO itibagira kuvuga ivyumugwi Aigle noir waramuramuye.

‎Akajambo kamwe kuri .

Hari ukuntu kwitariki 11 uku kwezi nyene kwambere 2026 bizoba vyashushe kuri  .‎,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,...
04/01/2026

Hari ukuntu kwitariki 11 uku kwezi nyene kwambere 2026 bizoba vyashushe kuri .
‎,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,,

‎Nguku uko bizoba bipanze: Ibirori bizotangura isaha zitandatu z'umurango. Abaririmvyi batandukanye b'i Burunga nkuko icegera c'umuvugizi wa fondation pax Burundi aherutse kubivuga, bazotangura bateramishe abazoba bishikiye kuri NPPCS Aho rero na azoba yahishikiye uzosanga twese tuguma tuvuga ngo aha ni he? None suko ga yemwe!

‎Kandundura rero ni urukino ruzoca ruhuza na isaha icenda. aha ho hazoca uwambaye. Niho tuzobonera na vya bigatanya bishasha aigle noir iheruka gusuma mu bihugu vya Mali, côte d' ivoire na RDC maze vitalo nayo Nyene itwereke ubuhinga bazananye mu nkino zo gusubiriza.



‎🤾🥅 vyashushe muri  .‎***************************‎‎Inkino z'ihiganwa ryo hagati mu gihugu muri handball zigeze mu gice c...
03/01/2026

‎🤾🥅 vyashushe muri .
‎***************************

‎Inkino z'ihiganwa ryo hagati mu gihugu muri handball zigeze mu gice ca kabiri gishira icanyuma(½finale) haba Ku bahungu no kubigeme. ni umugwi wo mu ntara ya ugiye gutana mu mitwe n'umugwi wa Gitega mu ndwi Iza kuwa 10 Nzero uyu mwaka ndetse hakazokinwa n'izindi nkino.

‎Nubwo biruko uwo mugwi wo mu bumanuko bw'igihugu uraterereza uwo wese yovyipfuza kubafata mu mugongo kuko ngo babona urugendo rutazohava ruhura n'uburyo bafise mu kwiyunguruza Aho ni mu gihe inkino zose zizobera mu ntara ya nkuko biboneka kuri iki kirangaminsi c'izo nkino




✈️✈️Umugambi wuko umugwi   uhejeje ihiganwa rya Primus League uzoza urakorera imyimenyerezo hanze y'igihugu urabandanya....
03/01/2026

✈️✈️Umugambi wuko umugwi uhejeje ihiganwa rya Primus League uzoza urakorera imyimenyerezo hanze y'igihugu urabandanya.🦅🦅

✍️🗼‎Uyu mwaka ata gihindutse bazomara ukwezi Ku mugabane wa aziya nkuko nyeniteka Reverien NDIKURIYO yabimenyesheje kuruyu wa 1 Nzero 2026.

⚫🎥‎Mu gihe ya Aigle noir nayo izoba ikeneye stage Ku mugabane wa buraya, uburongozi bwa Aigle noir bwaramaze kuronka abamenyereza bo kuruwo mugabane kugira bazoce bafasha murico gikogwa.

03/01/2026

Ejo 4/1/2026 kuri NPPCS sacenda Aigle noir cs izokina na Aigle noir B

‎"Dukeneye Ko mu kwezi kw'icenda ibibuga bibiri vy'imyimenyerezo vyoba vyaheze kwubakwa i Makamba"‎‎Ivyo ni ibihejeje gu...
01/01/2026

‎"Dukeneye Ko mu kwezi kw'icenda ibibuga bibiri vy'imyimenyerezo vyoba vyaheze kwubakwa i Makamba"

‎Ivyo ni ibihejeje gushikirizwa na Aho yariko yipfuriza umwaka mushasha abari mu bisata bitandukanye vya kuruyu wa 1 Nzero 2026 Ku mugwa mukuru wa Burunga

Address

Makamba
100

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio Eagle Sport FM posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Radio Eagle Sport FM:

Share

Category