Rukonwe News

Rukonwe News menya umenyeshe ufashe abandi

🌐🟡⚫Poutine & Kim: Aya ni amasezerano y'ikinjana ca 21Amasezerano yo gufasha hagati y'uburusiya na Koreya ya ruguru avuga...
06/12/2024

🌐🟡⚫Poutine & Kim: Aya ni amasezerano y'ikinjana ca 21

Amasezerano yo gufasha hagati y'uburusiya na Koreya ya ruguru avuga y'uko kimwe muri ico gihugu kicinjira mu ntambara ubwo nyene ikindi kizihutira gutabara. Ibihugu vyemeranije guhana ibikoresho vya gisirikare. Moscou na Pyongyang bazofashanya mu kworosha ibihano bafatirwa n'uburengero. Nta gihugu na kimwe muri ibi gishobora gusinya amasezerano nkayo n'ikindi gihugu gikebana na kimwe muri vyo. Ni amasezerano adafise aho azoherera

Mu yandi makuru, ibimenyetso vyinshi vy'uko Ukraine igombe yicare ku meza y'ib**aniro biguma biboneka. Uburusiya buriko burafata ubutaka bunini muri Ukraine. Vyageze aho, Financial Times ivuga y'uko Uburusiya bwazanye ubwato 50 bwo gukora urugamba muri kherson. Biragoye kwiyumvisha ko Ukraine yosubira gutakaza kherson

Yermak, umuhanu*i wa Zelensky yavuze y'uko Uburusiya budashaka ib**aniro. Ngo iyo buje mu b**aniro buba buzanye amategeko busaba ko akurikizwa uko nyene.

Abanyagihugu batanguye kwagiriza Zelensky ubuhemu. Bamwita umukozi wa USA. Ntibumva igituma yemeye kugwana n'igihugu gifise ibigwanisho ruhonyanganda, azi ko atazoyitsinda agaca yongerako gushaka kurungika abana ba 18 ans ku rugamba. Ku bwabo ngo ibi b**aniro vyari kuba imbere y'intambara. Muri Ukraine 16% nibo bipfuza ko Zelensky yosubira kwitoza

Abanyaburaya bafise amakenga ry'ico umukuru w'igihugu nk'uwo azoba. N'ubwo hari abantu bari baramwise intwari, ibintu bishobora guhinduka. I buraya no muri USA barateguye aho azohungishirizwa. Biragoye kuronka ubuhungiro muri USA ku ntwaro ya Trump. Biden yari yarateguye inzu nziza azoruhukiramwo umwotsi wa missiles z'uburusiya ariko ikinyamakuru El Mundo cavuze y'uko amakuru gikura mu ba diplomates avuga y'uko yateguriwe ubuhungiro i buraya

Ariko kandi Olav Sholz igihe aheruka i Kiev yabwiye Zelensky y'uko impunzi ziri mu bufasha abo bitazokunda ko bakora bazoca basubira mu gihugu. Ubudagi ngo buzoshiraho ikigo kijejwe guha akazi impunzi abo bizokwanka bazoca bataha

Dusimbire mu burasizuba bwo hagati aho igisirikare ca Leta vyanse ko kigumana Hama. Basohotse aba rebelles baca barinjira mw'ibohero basohora abanyororo

Biguma vyitezwe ko Iran isabwa ubufasha ngo yinjire mu ntambara nk'uko Irak yaraye muri ibikoze

CNN yavuze y'uko Uburusiya butazokwemera gutakaza mer méditerranée mu bice vya Lattaquié n'ahandi. Nico gituma ngo bashobora kurungika abasirikare 50,000 gufasha ngo abagwanyi ba Hayat Tahrir Al sham ntibahigarurire. Israël yavuze y'uko umupaka ico gihugu na Syrie utegerezwa kuguma ucunzwe

Nasozereye muri Corée du Sud nk'uko mwagumye mubisaba. Hambavu y'abanyagihugu basavye président Yeol kugenda, igiporisi catanguje urubanza kuri président aho kimwagiriza gukoresha iki roberi. Présidént ashobora kurerwa hamwe n'umushikiranganji wo kwivuna abansi na chef d'Etat majoro

Mugire umusi mwiza

03/12/2024

🙇🏿‍♀️ Abenegihugu bahora barimira mu Kiyange muri Zone Buterere baribaza uko bagiye kubaho...
----‐-------
🗞️ Mu gihe ako gace ka zone Buterere kagiye gukorerwamwo umugambi wo kugwiza imbuto z'umuceri n'ibigori, abo benegihu barabaza bati:"Mbega ko ariho hahora hadutunze tuzoca tujahe natwe?"

👤 Umukuru w'igisagara ca Bujumbura yishuye ati:"Iyi si turiko si iyacu ni iy'igihugu, rero igihugu caradutijije ngo tube turaharimira ariko uno munsi yahisemwo ko hano hantu yohakorera kijambere kugira rya terambere riboneke ,ariko nagira ndabahumurize, mu mwanya wa mbere tuzokoresha ihegitari 56 gusa ariko itongo ntiringana uko." Yabandanije amenyesha ko mu gihe bazoba bariko barakoresha iryo tongo ayandi mahegitari asigaye abenegihugu bazoba barahakorera

💬 Yongeye ati: "Twebwe nk'abajejwe intwaro tuzoraba twige uko iki gipande gisigaye tukigaburira abantu bahora barimira ngaha duhimbagure agapande gatogato muba murifashisha,niyo mpamvu abafise hanini bokwitegura kuzosabikanya n'abandi." Yabandanije abamenyesha ko kubera umugambi ubandanya, nibavuga ko n'ahandi hasigaye bahakeneye atakindi bazokora bazoca bahatanga kugira igihugu gitere imbere

👤 Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo uburimyi Prosper Dodiko yishimangiye ati: " Iyo Reta igutije ntiba ikugabiye, rero hageze ko ihakenera irahakwaka." Yabandanije amenyesha ko iryo tongo rya hegitari 56 hazokoreshwa izigera kuri 53 mu kurimamwo umuceri n'ibigori mu ntumbero yo kugwiza imbuto hamwe mu Burundi tuzoza turakoresha imbuto zacu bikunze mbere dushore no mumahanga kuko ngo hari abagwizambuto benshi ariko nta kigo gitunganije neza kihari co ku*igwiza

🎙️Nayo ngo ihegitari zizatu zisigaye bazozubakamwo aho kubika umwimbu , kwumisha mu buhinga bwa none mu gihe bimbuye mu mvura, guhingurira izo mbuto zizoba zimbuwe ,n'ibindi....

🗣️ Yonyegeye ati:"Iyo turiko turaririmba ivy'imbonakazoza ya 2040-2060 ni vyiza mugabo dutegerezwa gushira inguvu mu bukishira mu ngiro, tuzoshima y'uko Uburundi bwifashe mu gihe tuzoba dufise ahantu habera uburimyi bwa kijambere aho buzoba butunganijwe neza kandi twongere turimishe amamashini."
🎙️Yasozereye amenyesba ko uwo mugambi wari kuja mu ngiro kwezi kwa mbere mu mwaka uza ariko abenegihugu bahora bahakorera babemereye ko aho bazoterera hose bazobarindira kugira basorome mu kwezi kwa Rusama mugabo ngo bamenye ko uwuzokwimbura atazosubira gutera kandi


🛑🚨⚠️Igikombe c'isi c'imigwi gishasha, FIFA CLUB WORLD CUP kimeze gute??🏆Ivyo ukwiye kumenya !Abantu benshi ngaha ntibazi...
02/12/2024

🛑🚨⚠️Igikombe c'isi c'imigwi gishasha, FIFA CLUB WORLD CUP kimeze gute??🏆

Ivyo ukwiye kumenya !

Abantu benshi ngaha ntibazi yuko hariho igikombe c'isi c'imigwi gishasha ( FIFA Club World Cup) kizoba mw'ici rya 2025 muri USA

Ni igikombe gishasha gitandukanye na kirya wari u*i

Ubwa mbere, FIFA Club World Cup yahora yitabirwa n'imigwi 8 yonyene. Bafata imigwi yatahukanye ama Champions League ku migabane yayo, akaba ariyo ihura

Ariko ubu, vyarahindutse. FIFA yashinze ikindi

Kizotwitabirwa n'imigwi 32 ivuye hirya no hino kw'isi

Muri make, murazi yuko hasanzwe hariho igikombe c'isi c'ibihugu citabirwa n'ibihugu 32 bivuye hirya no hino kw'isi

Iki naco, ni ama clubs, kizotwitabirwa n'ama clubs 32 avuye hirya no hino kw'isi

Kandi naco kizoza kiraba buri myaka ine! Neza neza nka kurya kw'igikombe c'isi c'ibihugu

K'umugabane wa buraya hazova imigwi 12, Afrika 4, Aziya 4, Amerika ya ruguru 4, Amerika y'epfo 6, Océanie 1, hamwe n'ikibanza 1 bazogabira umugwi umwe mu gihugu cakiriye ( ubu ikibanza, FIFA yakigabiye Inter Miami kubera USA ariyo izokwakira ihiganwa)

Iyi niyo migwi 32 yaronse itike yo gukina FIFA CLUB WORLD CUP 2025:

➡️ Buraya :

🏴󠁧󠁢󠁥󠁮󠁧󠁿Chelsea
🇪🇸 Real Madrid
🏴󠁧󠁢󠁥󠁮󠁧󠁿Manchester City
🇩🇪 Bayern Munich
🇫🇷 PSG
🇮🇹 Inter
🇩🇪 Borussia Dortmund
🇵🇹 Porto
🇪🇸 Atlético Madrid
🇵🇹 Benfica
🇮🇹 Juventus
🇦🇹 Salzburg

➡️ Amerika y'epfo :

🇧🇷 Palmeiras
🇧🇷 Flamengo
🇧🇷 Fluminense
🇧🇷 Botafogo
🇦🇷 River Plate
🇦🇷 Boca Juniors

➡️ Amerika ya ruguru:

🇲🇽 Monterrey
🇺🇸 Seattle Sounders
🇲🇽 León
🇲🇽 Pachuca
🇺🇸 Inter Miami ( ikibanza bayigabiye )

➡️Aziya:

🇸🇦 Al-Hilal
🇯🇵 Urawa Red Diamonds
🇦🇪 Al-Ain
🇰🇷 Ulsan HD

➡️ Afrika :

🇪🇬 Al Ahly
🇲🇦 Wydad Casablanca
🇿🇦 Mamelodi Sundowns
🇹🇳 ES Tunis

➡️ Océanie

🇳🇿 Auckland City

Imigwi yaronka itike vyagenze gute ??

Ica mbere babanje bafata imigwi yatahukanye ama Champions League ku migabane yayo kuva 2021. Chelsea niwo mugwi wa mbere watanguye kuronka itike kuko watahukanye UEFA Champions League 2021

Ivyo bihavuye, mu gucagura imigwi, baca bafata uko yigenje mu mahiganwa yo ku migabane yayo mu myaka itanu iheze.

Nk'akarorero, k'umugabane wa buraya, hariho urutonde UEFA isanzwe ikora, igatanga amanota bivanye n'ukuntu imigwi yigenza mu mahiganwa y'i buraya

Urwo rutonde rero nirwo bakoresheje mu gucagura imigwi

Kubera iki imigwi nka Liverpool, Barcelona, Man United, Arsenal,...itarimwo kandi ifise amanota menshi kurusha imigwi nka Salzburg ??

Impamvu nuko ata gihugu cemerewe kurenza IMIGWI IBIRI❌

Liverpool ntivyokunda kuko Chelsea na Man City zaronse itike kubwo gutahukana Champions League kandi nta gihugu kirenza imigwi ibiri

Uburyo bwonyene igihugu kirenza imigwi ibiri nuko yose iba yaronse itike kubwo gutahukana Champions League ku migabane yayo

Nk'akarorero, Brazil ifise imigwi ine. Iyo yose yaronse itike kubwo gutahukana Champions League yo muri Amerika y'epfo, apana ngo kubera amanota ifise

Kuri Barcelona, yabuze itike kubera Atletico Madrid yigenje neza mu mahiganwa y'i buraya muri iyi myaka itanu iheze kubarusha. Muri make, Atletico Madrid ifise amanota menshi kubarusha K'urutonde rwa UEFA

Tombora rero y'amatsinda y'ukuntu imigwi izohura muri FIFA Club World Cup 2025 izoba hirya y'ejo kuwa kane.

🙌🏾 Nubwo bari mu mwaka wa nyuma w'ikiringo batorewe, abakenguzamateka basabwa kutadebukirwa-----------------------------...
02/12/2024

🙌🏾 Nubwo bari mu mwaka wa nyuma w'ikiringo batorewe, abakenguzamateka basabwa kutadebukirwa
------------------------------
👥 Mw'ijambo ryo kwugurura isasa risanzwe rya Kigarama 2024 kuri uyu wa 2 Munyonyo 2024, umukuru w'Inama Nkenguzamateka y'Uburundi Emmanuel Sinzohagera yibutsa abakenguzamateka ko batorewe gukorera abenegihugu mu kiringo c'imyaka itanu, kandi ko bamaze kwinjira mu mwaka wa nyuma w'ico kiringo

📌 Emmanuel Sinzohagera abahamagarira kutadebukirwa, ahubwo bongereze inguvu mu gukora batiziganya kuko "iherezo ry'ikintu risumba itanguriro ryaco"

🗳️ Abenegihugu na bo bahamagarirwa "kudasamazwa n'ivyamatora, bagume ku kivi kuko inyuma y'amatora ubu*ima bubandanya"

Kuri rino genekerezo rya 02 Kigarama 2024, Inama Nshingamateka yakoranye aho hari haramutse hatanguzwa icese ibikorwa vy...
02/12/2024

Kuri rino genekerezo rya 02 Kigarama 2024, Inama Nshingamateka yakoranye aho hari haramutse hatanguzwa icese ibikorwa vy'isasa risanzwe rya Kigarama umwaka wa 2024.

Nyeniteka Gelase Daniel Ndabirabe, Umukuru w'Inama Nshingamateka y'Uburundi, yamenyesheje ko muri buno buruhuko bw'ukwezi kwa Munyonyo 2024 Abashingamateka bahoramwo bifadikanije n'abenegihugu babatoye mu bikorwa bitandukanye vy'iterambere rusangi mu ntumbero yo kubarongora mu kubereka inzira yo gushika kuri ya mbonakazoza y'igihugu cifashe mu mwaka wa 2040 hamwe n'igihugu giteye imbere mu mwaka wa 2060.
Nyeniteka yabandanije ashikiriza ko abagize Ibiro vy'Inama Nshingamateka, bifadikanije n'abarongoye igihugu aho urumuri rw'amahoro rwatangujwe icese ku ncuro igira 18 mu ntara ya Cibitoke, ku kibuga c'i Buganda, bongera baraja mw'isozerwa ry'ibikorwa vy'urwo rumuri kw'igenekerezo rya 30 Munyonyo 2024, ku kibuga c'i Gatwaro mu ntara ya Kayanza. Abo bagize Ibiro vy'Inama Nshingamateka y'Uburundi barishikiye mu ntara batowemwo za Kayanza, Muyinga na Muramvya.

Abubahwa Abashingamateka baritabiriye amanama y'amanama mpanuzwajambo, mu ma komine yagutse baturukamwo, kugira ngo bashireho vy'imfatakibanza integuro nshasha y’imigambi y’iterambere rya komine (PCDC mu rurimi rw'igifaransa).

Abashingamateka bahurikiye mu mugwi wamaho mu Nama Nshingamateka mu vyo ujejwe harimwo ubutunzi hamwe n'abakozi bo mu Nama Nshingamateka barakurikiranye inyigisho zatanzwe n'ikigo ENA, bafashijwe n'ishirahamwe PNUD; ivyo bikorwa vyabaye kuva kw'igenekerezo rya 26 gushika ku rya 29 Munyonyo 2024.

Muri rino sasa rero risanzwe rya Kigarama, Inama Nshingamateka izokwiga integuro z'amabwirizwa atandukanye :
- integuro y'ibwirizwa inomero 1/09 ryo ku wa 13 Munyonyo 2020, rijanye n'itunganywa ry'ubu*i bwa Reta.
- integuro y'ibwirizwa rijanye n'ikurwaho ry'impapuro z'inzira z'icubahiro hagati y'ibihugu vya Zambiya n'Uburundi. Hariho n'izindi nteguro z'amabwizwa zitandatu ziri ku rutonde rw'izizokwigwa muri iryo sasa risanzwe.

Kubera ko Uburundi bwimirije amatora mu mwaka uza wa 2025, Umukuru w'Inama Nshingamateka yasavye abenegihugu, inzego z'igihugu zose kwitanga kugira ngo ayo matora azogende neza, aca aboneraho akaryo ko gusaba inzego zijejwe umutekano no kwivuna abansi kurikanura mu gucungera umutekano kugira ngo ntihagire intovyi ziwuhungabanya.

Buramatari w'intara ya Makamba,   ari kumwe n'umuhanu*i ajejwe imico n'imibano mu biro iwe, icegera c'uwuserukira urwaru...
01/12/2024

Buramatari w'intara ya Makamba, ari kumwe n'umuhanu*i ajejwe imico n'imibano mu biro iwe, icegera c'uwuserukira urwaruka i Makamba hamwe na ba Musitanteri b'amakomine agize intara ya Makamba yagendeye kuri uyu w'Imana igenekerezo rya mbere Kigarama abanyeshure bavuka mu ntara ya Makamba b**a mu makaminuza atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, akaba yagiye yitwaje agakemanyi kagizwe n'ibiro 1500 vy'ibigori, ibiro 800 vy'ibiharage, imifuko 11 y'amakara hamwe n'ibido 2 z'amavuta z'amamesa.

Buramatari yahanuye urwo rwaruka kwamana na ntaryo rwunze ubumwe no gufashanya mu birugoye. Abo banyeshure yabasavye kutajana nyabahururu mu bihe vy'imbere n'inyuma y'amatora ngo kuko abatumbera urwruka benshi usanga harwiriyemwo ba sesankuyoze babemerera ibi na biriya ku nyungu zabo.

Icegera c'uwuserukira urwaruka, yamenyesheje ko ibitigiri vy'urwaruka rwize mu ntara ya Makamba ruri mu makoperative bikiri hasi cane. Akaruhanura kuza ruraja hamwe rutegure imigambi yo kwiteza imbere runaterere ivyiyumviro abasanzwe bari mu makoperative kugira bashike mw'iterambere rirama.

Mwomenya ko ku wa 18 Myandagaro 2024, Buramatari yari yagendeye abo banyeshure aho bagiraniye ikiganiro co guhanahana ivyiyumviro ku vyokorwa kugira intara ya Makamba ntisigare inyuma mw'iterambere ry'igihugu ryisunga imbonakazoza y'Uburundi bwifashe mu 2040 n'ubuteye imbere mu 2060.

🤷🏽‍♂ Inyuma yo guhagarika ikinyobwa   muri Parcem Burundi bati;  "Igihe cose ikigo kigenzura ubu*iranenge   kizoba kidaf...
18/07/2024

🤷🏽‍♂ Inyuma yo guhagarika ikinyobwa muri Parcem Burundi bati; "Igihe cose ikigo kigenzura ubu*iranenge kizoba kidafise uburyo, ubuhinga , n'abakozi bikwiye kugira ngo kingane n'ibindi bigo vyemewe, ngo hazokwama hariho ibibazo mubijanye no guhagarika no kwemerera ibinyobwa kanaka mu Burundi!"

🎙 Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe yagize ati; Kubintu vyo guhagarika no kwemerera ikinyobwa kanaka umu*i mukuru uhagaze kukigo , igihe cose kirya kigo kitazoba gifise uburyo, ubuhinga hamwe n'abakozi bikwiye kugira ngo kingane n'ibindi bigo vyemewe hazokwama hariho ibibazo kuko gushika n'ubu ico kigo ntikiratuma dushobora gushorera ibintu nk'ibinyobwa canke ibiribwa hanze ngo vyemerwe neza, ndetse ngo n'ibiva mu mahanga ntaburyo bukwiye bwo kubisuzuma neza buhari , hamwe vyoza bifise nk'ingaruka mbi vyomara abantu!

💬 Abandanya ati ; Kirya kigo uravye n'uburyo bakigenera aho nko mumwaka uheze bari bakigeneye amafaranga imiriyaridi 2 n'imiriyoni 700 z'amarundi, uyu mwaka naho Imiriyaridi 3 n'imiriyoni 280 z'amarundi biraboneka ko ivyo cipfuza mugushira mungiro ibikorwa ntibirashoboka. ibibazo rero biri ngaho ariko igihe yoba iriko irafata ingingo n'uko yoza iraraba ababa bashize imitahe muri ivyo bintu kugira ngo bafate ingingo zituma hakingirwa amagara y'abantu ariko n'abo bantu baba bahawe impusha n'ikigo ca Reta bakaraba ibijanye n'urudandazwa kuko umuntu aba yashizemwo umutahe ikigo kibijejwe kikamwemerera , hahera imindsi ngo bihagarike yamaze gushiramwo imitahe, abantu bakaza kurangura ako ni agahombo!

📌 Nk'uko aheraheza abivuga rero, ngo kuba hakiriho abategetsi bo hejuru baha amategeko ikigo BBN kugira ngo kibemereze ibintu kugahato, ivyo vyose ngo ni ivyo gukosora kuko biri mubituma bidakunda ko hongerezwa ibintu uBurundi bushorera hanze kugira hinjire amafaranga y'agaciro. nayo ngo kwihereza ibinyobwa birimwo umwambiro biri mumico y'ikirundi hamwe n'ubukene abantu barimwo bumva umenga bokwiyahuza inzoga ariko ngo nticari ikibazo iyaba abarundi bafise ibintu bafungura bikwiye, agasaba ko ikigo BBN ko cokingira abarundi mukuraba ko ibinyobwa vyose vyinjira mu Burundi n'imitobe irimwo ko atangaruka mbi bigira kumagara y'abantu . ikindi asaba n'uko mugufata ingingo boza bararab ko batariko barahonya imitahe y'abantu!

☝🏿 Ivyo Faustin Ndukumana arongoye ishirahamwe yabishikirije mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 18 2024 mumwihwezo yagize inyuma yaho habereye isekeza ryo kwirukana ikinyobwa ca mu Burundi bwose



Source Magazine Jimbere

18/07/2024

Radio Nderagakura Présidence - République du Burundi Kirundo Province

18/07/2024

Musongati fc Province Gitega J.P.G FFB

💎  : mw'ishamba rya   hari kirombe kirimwo amatoni  12.700.000 y'ubutare bwa Cassitérite, ayo nayo akaba afise agaciro k...
17/07/2024

💎 : mw'ishamba rya hari kirombe kirimwo amatoni 12.700.000 y'ubutare bwa Cassitérite, ayo nayo akaba afise agaciro k'imiriyaridi 50.000 z'amadorari y'abanyamerika
-------------
🤩 Babonye tugira twikukire mu 1962, aho bahora bimba ubutare bwacu bahapfunga na Béton, mbere baranafurira kugira ngo umurundi ntaze yigere amenya ko higeze n'ikirombwe

🤷🏿‍♂️ Ivyo vyagaragaye muri zone Gatare Komine Busoni y'intara ya Kirundo, neza na neza mw'ishamba rya Murehe, aho hasanzwe hariko harimbwa ubutare bwa Coltan na Cassitérite

🚶‍♀Muri rwa rugendo rwitiriwe Inkebuzo Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ariko aragira mu ntara zitandukanye, kuri uyu wa 16 Mukakaro 2024, yaragendeye ishirahamwe BUMECO (Burundi Metal Company) risanzwe ririko riracukura ubwo butare maze Ndacayisaba Thomas, umwe mu banyamitahe baryo ahora aratuyagira ivyaranze ico kibanza, ubona ko gisanzwe kitari kizwi

😳 "Abazungu bimvye ubutare bwa Cassitérite ngaha imyaka ishika 50, igihe twari mu bukoloni. Magingo babonye ko Uburundi bugira buronke intahe yo kwikukira, baciye bafata ikirombwe bacamwo bagiye kwimba, barakizibira bakoresheje Béton nk'uko muvyibonera, baraheza barafurira, kugira ngo ntihazogire n'uwuca ikanda ko hari imari". Uwo mushingantahe amenyesha kandi ko ico kirombwe abazungu bimvye gipima imetero 250 ugendera mu ku*imu

💰 N'aho abo bakoroni batwaye ubutare butari bukene, Ngendakumana Gaspard arongoye iryo shirahamwe amenyesha ko ivyigwa vyakozwe vyerekanye ko ako gace k'ishamba rya murehe karimwo amatoni 12.700.000 ya Cassitérite, ayo nayo akaba afise agaciro k'imiriyaridi 50.000 z'amadorari y'abanyamerika

🤳🏿Hagati aho, tubamenyeshe ko ibeteri ufise muri téléphone yawe uyikesha ubutare bwa Cassitérite, tutibagiye ko bimwe vyo gusudira vyose biva mu butare bwa Cassitérite Aho bayikuramwo ubutare Étain(SnO2), n'ibindi bitandukanye.

😏Musomyi, wibaza ko ari iki catumye batera béton ku butunzi bw'Uburundi? Ntahandi umaze kwumva abazungu basize bazibiye?



Source magazine jimbere

22/04/2024
Birangiye umushikiranganji w'intwaro yo hagati mugihugu iterambere rusangi n'umutekano yanditse uko. C.N.L Hon Agathon R...
18/03/2024

Birangiye umushikiranganji w'intwaro yo hagati mugihugu iterambere rusangi n'umutekano yanditse uko. C.N.L Hon Agathon Rwasa cnl .akajambo kamwe gusa

  Ibice 60 kw'ijana vy'imitumba, ni ukuvuga koperative 80 ngo niyo azoronswa igitunfwa c'impene n'umugambi PAEEJ. Bishik...
29/02/2024

Ibice 60 kw'ijana vy'imitumba, ni ukuvuga koperative 80 ngo niyo azoronswa igitunfwa c'impene n'umugambi PAEEJ. Bishikirizwa na ajejwe igisata c'ubworozi bw'impene muri uwo mugambi mu gihe hariko haratangwa imoene cumi n'umunana kuri buri koperative kuva ejo hahise.

amenyesha ko bgo ikigongwe PAEEJ gishigikira koperative y'ugwaruka gitunganije neza kandi intara izironswa impene 1600.

Buramatari amenyesha ko PAEEJ igize neza kuronsa amakoperative y'urwaruka igitungwa c'impene kuko gisanzwe kigwira neza i kandi kigafasha cane abahaba mu gutanga umwavu n'inyama ndetse n'amafaranga. Asaba abaronkenjwe ivyo bitungwa kuvyorora neza gutyo uwo mugambi ngirakamaro uzorame. Ku bwiwe ngo uwo mugambi uranguwe neza wokwinagura, ugateza imbere uburimyi ndetse n'inka zikagugwa bahereye ku mpene.

Buramatari asaba ikigo gutunganya inyigisho ku bijanye no kworora hamwe no kuronsa imiti yo kuvura ivyo bitungwa ababihawe.

Abaronkejwe izo mpene bo ku mutumba muri komine bamenyesha ko bakiri bato bo kurangura umugambi neza. Basaba PAEEJ kwagura bagashigikira n'iyindi mitumba isigaye.


Source ni 👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇
Agence Burundaise de Presse

Aba isilamu bahamagarirwa kwigisha abana babo gukunda igihugu no gukunda amahoro mubutandukane bwabo.Ivyo vyashikirijwe ...
29/02/2024

Aba isilamu bahamagarirwa kwigisha abana babo gukunda igihugu no gukunda amahoro mubutandukane bwabo.Ivyo vyashikirijwe na Petero claver Ndayicariye arongongoye Umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi( )mugihe bari bakoranije kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 29/2/2024 abahurikiye mu muryango w'aba isilamu mu Burundi bo mu ntara ya muntumbero yo kubasigura ibikorwa uwo murwi umaze kurangura kuva ushinzwe.

Ambassadeur yabamenyesheje ko Uburundi bwashikiwe n'ubwicanyi butandukanye bwahekuye Uburundi mu myaka itandukanye bica bituma uburundi budatera imbere kuko bwahatakarije abantu b'incabwenge bobaye ikimazi mw'iterambere ry'igihugu , abarwizatunga, indongozi zitandukanye ,n'abandi benshi.

Uwuserukira umuryango w'aba isilamu mu ntara ya Gitega avuga ko aba isilamu banywanye mu ntara kanatsinda idini ribigisha urukundo.Yashimye kuba bariyumviriye kuri uyo muryango kuko nabo nyene bafise ico botera kuko bari mubifashe mubihe bibi igihugu caciyemwo kandi barakeneye kumenya ivyagiye bishikira igihugu.

Petero claver Ndayicariye ahamagarira abantu kudafatira mukivuga ibintu ivyakozwe n'abantu canke umuntu kuko bimuharurwako kugatwe ntibiheza ngo bikwegere umuryango,ubwoko canke umurwi amuntu arimwo.

Ubutumwa bw'umurwi CVR rero ugomba gushikiriza abarundi ngo ni ubwo kubafasha kwinjira mungendo yo kunywana.Ikindi nico kumenya ukuri kuvyabaye kuko arirwo rugi kugihugu rwo kwemanga ivyabaye gutyo hagaca hakurikira kurekuriranira.

Mwomenya ko yabanje kubacira kumayange ivyagago vyashikiye uburundi n'ababo vyahitanye eka ndetse n'ibisigarirara vyagiye bitorwa hirya no hino mugihigu.

💡 Ishirahamwe Regideso riragabisha ko ino wikendi yose itangwa ry'umuyagankuba ritazogenda neza✍🏾 Imvo ngo n'uko bazoba ...
29/02/2024

💡 Ishirahamwe Regideso riragabisha ko ino wikendi yose itangwa ry'umuyagankuba ritazogenda neza

✍🏾 Imvo ngo n'uko bazoba bariko barinjiza mu muhora w'igihugu umuyagankuba uzoba uvuye mu rugomero rwa Kabu 16, ivyo bikorwa bikaba bitegekanijwe ku magenekerezo ya 02 na 03 Ntwarante 2024 umurango wose

📢 Ivyo biri mw'itangazo ryashizwe ahabona n'umuyobozi mukuru wa Regideso Jean Albert Manigomba kuri uyu wa 29 Ruhuhuma 2024

🌽  : mu karere ka   ikiro c'ibigori casubiye hasi kubera vyeze nka hose mu mihana--------------📍 Amakuru dukura mu masok...
29/02/2024

🌽 : mu karere ka ikiro c'ibigori casubiye hasi kubera vyeze nka hose mu mihana
--------------
📍 Amakuru dukura mu masoko y'ikomine za , (mw'isoko rya ) no mu (Isoko ya ) n'uko ibigori biriko biragurwa ku mafranga ari munsi y'1.000 c'amarundi ku kiro

💬 Bamwe mu barimyi b**aniye na bagenzi bacu bo mu kinyamakuru gikomeye cane ca bavuga ko biva ku kuntu umukozi wo ku munsi yazimvye kuko no mu gusarura uwo mwimbu w'ibigori bikora ku makinga, bityo igunira yitwa irumbesi (ibiro 100) itwarwa ku mafaranga 3.000 FBu iyo urugendo rugera ku birometero birenga bitanu

🔸 Kuri iryo sārūra rikenera amafaranga hiyongerako amafaranga y'abakozi b'impeshi kandi ata kindi kintu ceze co kwikorako benshi bafise atari ivyo bigori nyene, kw'isoko naho bisanga ata babashorera bagira kuko benshi bafungura ivyo barimye. Ni mu gihe abahaba bagizwe n'igice kinini c'abarimyi

✍🏾 Tubabajije impamvu batabigurisha mu kigo ANAGESSA kijejwe kwegeranya umwimbu ku giciro cashinzwe na Reta (1.700 ku kiro) batumenyesha mu karere barimwo ANAGESSA itaratangura kubagurira umwo mwimbu

"Ntawurekuriwe kuba mu nzego nshingwantwaro zirenga zibiri mu mashirahamwe ya Reta"👌🏾Ico ni kimwe mu bintu cumi bizokwun...
29/02/2024

"Ntawurekuriwe kuba mu nzego nshingwantwaro zirenga zibiri mu mashirahamwe ya Reta"

👌🏾Ico ni kimwe mu bintu cumi bizokwunganira itegeko bwirizwa rishinga amategeko agenga amashirahamwe ya Reta. Ryigiwe mu nama nshikiranganji yabaye itariki 21 Ruhuhuma 2024, yari irongowe n'umukuru w'igihugu.

📃 Abashikiranganji baremeje integuro y'ibwiriza y'iryo tegeko, isubiramwo itegeko bwirizwa no 1/23 ryo ku wa 26 Mukakaro 1988, rishinga amategeko agenga amashirahamwe ya Reta. Ivyo bishikirizwa n'umuvugizi wa Reta Jerôme Niyonzima.

👇🏾 Ng'ibi ibintu bitanu muri 10 vyashikirijwe vyunganira iryo tegeko bwirizwa :

1️⃣ Gutomora neza ko ata muntu arekuriwe kuba mu nzego shingwantwaro zirenga zibiri.

2️⃣ Aho kuvuga umuyobozi mukuru, hovugwa uwurongoye ishirahamwe kuko ashobora guhabwa irindi zina atari umuyobozi, nka "commissaire", "Recteur" n'ayandi.

3️⃣ Ikiringo ishirahamwe rya Reta rikoreshamwo amafaranga gihure n'umwaka w'integekanyo y'amafaranga igihugu gikoresha.

4️⃣ Abakozi ba misi yose canke abakutsakivi bahabwe akazi hisunzwe amategeko agenga abakozi n'akazi.

5️⃣ Amafaranga yinjijwe n'amashirahamwe asanzwe adakora ivy'ubudandaji ashirwe kw'ikonti y'ikigega ca Reta.

⁉️ Hari akarusho ubona muri izo mpinduka zije mu mashirahamwe ya Reta ?

Inkomoko : https://lc.cx/YRf1wz.



Address

Makamba

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Rukonwe News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Rukonwe News:

Videos

Share