Radio Remeshamahoro FM 102.1 MHZ.

Radio Remeshamahoro FM 102.1 MHZ. Remeshamahoro FM est une Radio communautaire émettant depuis Kirundo sur 102.1 MHZ .

  : Ibirori vyo kwibuka incungu yaharaniye ukwikukira kw' Uburundi Umuganwa Rudoviko Rwagasore ku ncuro ya 62 vyatangujw...
13/10/2023

: Ibirori vyo kwibuka incungu yaharaniye ukwikukira kw' Uburundi Umuganwa Rudoviko Rwagasore ku ncuro ya 62 vyatangujwe n'Inkuka ya Misa kuri Paruwasi ya Kanyinya mu Ntara ya Kirundo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13/10/2023.

Ibirori vyabandanirije ku cibutso c'ubumwe bw'abarundi aho indongozi, abaserukira imigambwe yemewe n'amategeko n'amadini bashize ingori z'amashurwe kuri ico cibutso.

Inyuma yo kwumva ijambo ry'uyo muhisi, Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w'Intara ya Kirundo Eric Nduwayezu yashikirije abari aho ko ico uwarondeye intahe yo kwikukira yashaka ari uko Uburundi bwishira bukizana abarundi bagakora bakitezimbere ko bakwiye kuzindukira mu bikorwa ama karuvati bakayambara mu bihe vy'imanza gusa kugira Uburundi bushike ku mbono y'Umukuru w'Igihugu y'uko Uburundi muri 2040 kizoba ari Igihugu cigaba kikigaburira.

Ivyo birori bikaba vyasozerewe n'igisabisho ca Patiri mukuru wa Paruwasi ya Kanyinya.

✍️ F***y NIYERA

  : Imvura yaguye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya  10/10/2023 muri Komine Kirundo  y'Intara ya Kirundo yahitanye ibit...
12/10/2023

: Imvura yaguye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 10/10/2023 muri Komine Kirundo y'Intara ya Kirundo yahitanye ibitari bike. Amazu yarabomotse ndetse n'amabati araguruka ku mitumba ya Mutara; Gihosha hamwe na Mwenya. Amazu yabomotse yose hamwe ni 20 , mu gihe amabati menshi yaburiwe irengero kubw'umuyaga war'uri mur'iyo mvura.

✍️ Eugene Nzeyimana

  : Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya  11/10/2023 mu nyubakwa z'agatutu k'umukenyezi iri mu Gisagara ca Kirundo  haraba...
12/10/2023

: Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11/10/2023 mu nyubakwa z'agatutu k'umukenyezi iri mu Gisagara ca Kirundo harabaye ibirori vyo guhimbaza Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abigeme kw'isi yose. Uwo musi mukuru ukaba wari witabiriwe n'abigeme batandukanye harimwo n'abavuye ku mashure.

Daphrose Mpawenimana yakira ubwa mbere abitura ico kigo "Agatutu k'umukenyezi " akaba n'umuhinga mu nyifato yavuze ko abakobwa bovavanura n'ingendo yo kutiyemera kuko kwiga ari umushinge utuma Igihugu gitera imbere. Yabasavye kandi kwirinda ababashuka babahendesha utuntu duto duto twokubasamaza.

✍️ Eugene Nzeyimana

  : Buramatari w'Intara ya Kirundo avuga ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira Intara ya Kirundo yongere kuba ikige...
11/10/2023

: Buramatari w'Intara ya Kirundo avuga ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira Intara ya Kirundo yongere kuba ikigega c'igihugu nk'uko yamye.Ivyo yabivuze yugurura inyigisho z'imisi ibiri zatunganijwe n'ishirahamwe ry'abagendana ubumuga mu Ntara ya Kirundo Province kuva kur'uyu wa gatatu igenekerezo rya 11/10/2023 mu nyubakwa za Croix-rouge ziri mu Gisagara ca Kirundo.Izo nyigisho zikaba zijanye no gukingira ibidukikije no guhangana n'ihindagurika ry'ibihe.

Buramatari w'Intara ya Kirundo Albert Hatungimana yavuze kandi ko bariko baragerageza gukingira ibiyaga vyose biri mu Ntara ya Kirundo harimwo guca imikobeko ku misozi ihanamye, kwubahiriza imetero 50 uvuye ku kiyaga , gutera ibiti bibana n'indimo no guhangana n'ihindagurika ry'ibihe mu gutera ibiti. Yahamagariye abitabiriye izo nyigisho kuzifata nka nkama.

Izo nyigisho zikaba zatumiwemwo kandi n'abasanzwe bakorera mu gisata co gukingira ibidukikije mu Ntara ya Kirundo ndetse n'amashengero.

✍️ Ir Alphonse Ndayisaba

  : Mw'ijoro ryo kuri uyu wa kabiri rishira  uwa gatatu haraye habomowe inzu y'ububiko y'uwitwa  Niyonzima Gérard batazi...
11/10/2023

: Mw'ijoro ryo kuri uyu wa kabiri rishira uwa gatatu haraye habomowe inzu y'ububiko y'uwitwa Niyonzima Gérard batazira Elias Muduni, iherereye k'Umutumba wa Runanira ya 2.Yabomowe n'abantu bataramenyekana.

Nyeneyo avugako batwaye imipfuko 4 y'ibiharage; imipfuko 15 y'umwavu wa Imbura hamwe n'imipfuko 3 y'umuceri udasyeye. Abona ari akamaramaza aho umuntu azana iterambere ariko abarirwanya bakaba benshi.

✍️ Eugene Nzeyimana

  : Mu nyubakwa z'agatutu k'umukenyezi haratanzwe inyigisho kuri uyu wa 5/10/2023 ku bantu bava mu mihingo itandukanye h...
09/10/2023

: Mu nyubakwa z'agatutu k'umukenyezi haratanzwe inyigisho kuri uyu wa 5/10/2023 ku bantu bava mu mihingo itandukanye harimwo n'abari bamaze kwitura ico kigo. Izo nyigisho zari zateguwe n'urunani rw'abakenyezi b'abarundikazi baharanira imibereho myiza n'iterambere.

Muri izo nyigisho barabiye hamwe ubwoko bw'amatati akunda kwibonekeza mu kibano , hamwe n'ingene uwipfuje kwitura ubutungane yobigenza mugihe yahohotewe.

✍️ Japhete Ntiharirizwa

Ubuja ku bana mu Gihugu c'Uburundi buribonekeza no mu Gisagara ca Kirundo hadasigaye inyuma.Bivugwa na RIGIRA Aimé Richa...
09/10/2023

Ubuja ku bana mu Gihugu c'Uburundi buribonekeza no mu Gisagara ca Kirundo hadasigaye inyuma.

Bivugwa na RIGIRA Aimé Richard arongoye imbere y'amategeko ishirahamwe APEE UWIMANA (Association pour le Programme Enfant Eduqué) risanzwe rishira imbere gukingira agateka k'abana, aho yari umutumire mu kiganiro "Terimbere kibondo" co kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 8/10/ 2023 gisanzwe gica ku Nsamirizi Remeshamahoro FM, buri munsi w'Imana igihe c'isaha cumi gushika isaha cumi n'imwe z'umugoroba (16h00-17h00).

Yavuze ko ubuja ari ugucura bufuni na buhoro umuntu umwunguruje ukamukura iwe ukamujana aho aja gukora akazi kamurengeye, canke iyo akora nt'aronke impembo, ivyo navyo bikaba bishika no ku bana aho abakuze babagira abakozi babo mu mirima, mu mazu aho usanga abavyeyi babakura mw'ishure bakaja gukora mu mazu akaba ari bo bahembwa, mu kwimba ubutare, mu rudandazwa n'ibindi, aho naho bakaba birengagije ko umwana atari uwo gukora ahubwo afise uburenganzira bwo kurerwa akabanza agakura bishoboka ko yiga akaja mw'ishure nk'abandi.Ingaruka mbi ku bana ngo ntizoreka kwibonekeza kuko kazoza kabo bana kadaheza ngo kabe keza ari naho bamwe bibaviramwo n'ingeso mbi zitandukanye.

Atera akamo abajejwe intwaro, abavyeyi, n'amashirahamwe yose asanzwe aharanira agateka k'abana kuvira hasi rimwe mu gukinga amabi akorerwa abana cane cane ubuja ku bana.

✍️ F***y Niyera

  : Kur'uyu wa gatanu  igenekerezo rya 06/10/2023 Uburundi bwarifatanije  n'ayandi makungu  mu guhimbaza umunsi mukuru w...
07/10/2023

: Kur'uyu wa gatanu igenekerezo rya 06/10/2023 Uburundi bwarifatanije n'ayandi makungu mu guhimbaza umunsi mukuru wahariwe abageze mu za bukuru.
Mu Burundi uwo munsi wahimbajwe ku civugo "TWESE HAMWE URWARUKA RUDASIGAYE INYUMA TWITWARARIKE AGATEKA K'ABAGEZE MUZABUKURU. "

Ivyo birori bikaba vyahimbarijwe k'umurwa mukuru w'Intara ya Kirundo i Kanyinya. Mw'ijambo ry'ikaze, Buramatari w'Intara ya Kirundo Albert Hatungimana yarashimiye ubushikiranganji bwo gufatana mu nda bwiyumviriye ko uwo musi wohimbarizwa mu Kirundo aca amenyesha ko abageze mu za bukuru mu bikorwa vyose bikorwa boza barabibuka nko mu ku baronsa imbuto yo guteragira , kuronswa urupapuro rwa ntaho nikora. Intara ya Kirundo iragarukira no ku bigo bifasha abageze mu za bukuru.

Frère Cyriaque Hakizimana yaserukiye amashirahamwe y'abageze mu za bukuru yavuze ko abageze mu za bukuru babandanya barwirirana k'umurindi munini cane kandi benshi muri bo bakaba basaza ari ba ntaho nikora,
agasaba Reta ko yogira akigoro kugira ivuze Abo bageze mu za bukuru bose nk'uko ibikorera abana bari musi y'imyaka itanu n'abakenyezi bibungenze.

Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ugushigikirana no gufatana mu nda n'iterambere ridakumira, bwaserukiwe n'umunyamabanga ntayegayezwa mur'ubwo bushikiranganji Pontien Hatungimana yavuze ko Reta y'Uburundi yakoze ibikorwa bitari bike vyo gushigikira abageze mu za bukuru harimwo:

- kugiriranira amasezerano n'ibigo vyitaho abageze mu za bukuru, ivyo b**atuma bahabwa agafashanyo k'umwaka k'umwaka ;
-Kubarihira amatara n'amazi ;
-Gufasha kugira ngo imfashanyo zivuye hanze zibashikire atakirinzwe gutangwa ;
-Gushikira no kuronsa ibikoresho n'ibifungurwa ibigo canke amashirahamwe yitaho abageze mu za bukuru ;
-Kuvuza k'ubuntu mu kubaha ama karata yo kwivurizako ;
-Kubaronsa ibibafasha kwiyunguruza n'ibindi ,....

Ibirori vy'uwo musi bikaba vyasozerewe n' ugutanga agafashanyo ku bageze mu za bukuru kagizwe n'ibitenge , amasabune n'umuceri.

✍️ Ferdinand Bimenyimana

Igitabu c'amategeko agenga abakozi n'akazi kiratomora neza amasanganya  n'indwara zituruka ku kazi.Yishimikije ingingo y...
05/10/2023

Igitabu c'amategeko agenga abakozi n'akazi kiratomora neza amasanganya n'indwara zituruka ku kazi.

Yishimikije ingingo ya 40 na 41 y'itegeko ryo kuwa 07/07/1993 rigenga abakozi n'akazi mu Burundi, NIMPOZA Desiré asanzwe ari umukozi mw'Ishirahamwe rya Reta rijejwe gukingira no gutegekaniriza kazoza abakozi, muri za nyigisho z'iminsi ine ziriko zibera k'Umurwa mukuru wa poritike i Gitega zateguriwe abamenyeshamakuru, kuri uyu wa 04-10-2023 yavuze ko hari abakozi n'abakoresha bataratahura isanganya canke indwara biterwa n'akazi. Uwo muhinga avuga ko isanganya ribaye ugiye, uri canke uvuye ku kazi, rifatwa nk'iry'akazi.

Abandanya avuga ko igihe umukozi agize isanganya canke arwaye indwara bitewe n'akazi, umukoresha akabimenyesha hakiri kare kandi akabisigura bikumvikana, umukozi aca avuzwa n'ishirahamwe INSS ijana kw'ijana. Mu gihe naho umukozi yavujwe n'umukoresha, INSS iraheza igaca isubiza umukoresha amafaranga yakoresheje.

✍️ Déo Nkurunziza

  : Mu gihe hariko harubakwa ibarabara riva muri Komine Kirundo rigaca ku Ntega rikazobandanya muri Komine Marangara, ku...
05/10/2023

: Mu gihe hariko harubakwa ibarabara riva muri Komine Kirundo rigaca ku Ntega rikazobandanya muri Komine Marangara, kur'uyu wa gatatu Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w'Intara ya Kirundo Province yarishikiye ku Mutumba wa Rukore muri Zone Ntega Komine Ntega , kwirabira aho ibarabara barigejeje. Akaba yasanze ibikorwa biriko bigenda neza.

Mu kiganiro yahaye Radio REMESHAMAHORO FM inyuma y'urugendo, yahamagariye abegereye iryo barabara kudasamazwa n'imashini ziba ziriko zirakora ahubwo nyabuna ko bozindukira ku bikorwa vy'iterambere kandi bakibuka kwigizayo abana kugira birinde amasanganya. Yavuze kandi Ko abagendera ku makinga bokwibuka gufata amafire kuko yabonye agace bamaze gukora bahaca nko kukirago biruka cane.

Uwusanzwe akurikirana ibikorwa vyose vyo mur'iryo barabara ITEKA Éloi yatubwiyeko bazorikora mu biringo bitatu. Ubu ngo baracari mu kiringo ca mbere co guterereza hanyuma bazoce bubaka amakanivo bace bashiramwo urucekeri.
Avuga ko mu gihe ata ntambamyi zoboneka imbere , mu mezi atandatu bazoba bahejeje kurikora neza.

✍️ Ferdinand Bimenyimana

"Umusigwa w'umukukuruke yemezwa n'itegeko kandi abasizwe bose n'abakukurutse batandukanye mu gihugu cose bagize umuryang...
04/10/2023

"Umusigwa w'umukukuruke yemezwa n'itegeko kandi abasizwe bose n'abakukurutse batandukanye mu gihugu cose bagize umuryango umwe nawo ukabafasha ku rugero rungana".

Ni inyishu NIMPOZA Désiré yahaye umumenyeshamakuru yaramubajije ukuntu muri INSS bamenya abasigwa b'umukozi yapfuye atamugore canke umwana asize. Yavuze ko amafaranga yategekanirijwe abasigwa b'uyu muhisi baca bayateranya n'ay'abandi bakotije bakayasabikanya abasigwa bose bemewe n'amategeko kuko atawuronka ayo umukukuruke wiwe yatanze ariko babasangiza ay'abatanze bose ari naco gituma basanga baronse menshi arengeye ayo bari kuronka mu gihe INSS yoba isubije ayo uwo mukukuruke yakotije gusa. Désire abandanya avuga ko abakoze mu bihugu bitandukanye hageze gukukuruka babateraniriza ayatanzwe aho bakoze hose haba mu Burundi no hanze y'Igihugu. Ni muri rwarukirikirane rw'inyigisho ziriko ziratangwa ku murwa mukuru wa politike i Gitega zateguriwe abamenyeshamakuru bakorera mu Burundi kugira bafashe babicishije mu binyamakuru bakorera mu kwigisha abenegihugu akamaro ko gukingira no gutegekaniriza kazoza abakozi.

Izo nyigisho zateguwe n'ishirahamwe rya Reta rijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi INSS rifadikanije n'Inama y'Igihugu ijwejwe ibimenyeshamakuru CNC.

N'utuhe tubazo mubona twobabariza muri iyo nama?

✍️ Déo Nkurunziza

   : Ku munsi ugira kabiri w'uruganda rwateguriwe ibimenyeshamakuru bikorera mu Burundi biserukiwe n'abamanyeshamakuru b...
04/10/2023

: Ku munsi ugira kabiri w'uruganda rwateguriwe ibimenyeshamakuru bikorera mu Burundi biserukiwe n'abamanyeshamakuru bavyo, ruriko rurabera k'Umurwa mukuru wa politike i Gitega, CIRUHANDE Fidèle umuhinga mu vyo gukingira abakozi no kubategekaniriza kazoza asanzwe ari n'umukozi w'ikigo c'Igihugu kijejwe gukingira no gutegekaniriza kazoza abakozi INSS, niwe yatanguye gutanga icirwa. Ku kijanye n'abakoresha batanga amahera adakwiye yo gutegekaniriza kazoza abakozi muri INSS, mu cirwa yigishije abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 04-10-2023 yavuze ko bafise ubuhinga bakoresha kugira babone aho amategeko agenga abakozi n'akazi yahonyanzwe. Mu vyo bakoresha mu kubisuzuma harimwo impapuro umukoresha yitwarira ubwiwe mu kigo kijejwe kwegeranya amakori n'amatagisi OBR, izo nazo zikaba zerekana amakori umukoresha arihira abakozi biwe ku kwezi.

Uwo muhinga arakubitira akagohe abakozi ko bakwiye kumenya urugero bagezeko mu gutegekanirizwa kazoza, ivyo navyo umukozi agashobora kubimenyeshwa na INSS igihe cose ayituye abisaba.

Mwomenya ko mu vyirwa vyigishijwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03-10-2023 harimwo ikivuga ko mu gihe umukozi akora habiri canke harenga bikunda ko ategekanirizwa kazoza n'abakoresha biwe bose mu kuyateranira habanje kwubahirizwa amategeko agenga abakozi n'akazi.

✍️ Déo NKURUNZIZA

   : Kuri uyu wa 3/10/2023, k'Umurwa mukuru wa Poritike i Gitega , hatanguye uruganda ku bamenyeshamakuru, rwateguwe n'I...
03/10/2023

: Kuri uyu wa 3/10/2023, k'Umurwa mukuru wa Poritike i Gitega , hatanguye uruganda ku bamenyeshamakuru, rwateguwe n'Ishirahamwe ryo gutegekaniriza kazoza abakozi " INSS ", rifadikanije n'Inama nkuru ijejwe ivyo kumenyeshamakuru "CNC".

Ncutinamagara Tantine yaserukiye Ubushikarangaji bwo gufatana mu nda, yavuze ko abamenyeshamakuru bazohabwa akanya ko gutanga ivyiyumviro vyokorerwako ku kijanye no kwigisha abakozi n'abakoresha ugutegura kazoza kabo. Agira ati :"INSS yatunganije uru ruganda ifadikanije na CNC mu ntumbero yo kwerekana ivyo ibinyamakuru vyokwisunga kugira bikore neza umwuga wavyo. Ibinyamakuru n'ubwo bifise uruhara runini mu kwigisha abenegihugu, nti bisigura neza ibijanye no gukingira ikibano no gutegura neza kazoza k'abakozi ku bakoresha ndetse no ku bakozi ubwabo." Abandanya avuga ati : "Muri uru ruganda muzohabwa akaryo ko kubaza ibibazo no gutanga ivyiyumviro ku bijanye n'ugukingira abakozi."

Mwomenya ko urwo ruganda ruzomara iminsi ine.

✍️ Déo Nkurunziza

  : Harafashwe abana bo mw'ibarabara bahora basaka mu ma sakoshi y'abanyeshure !Mu gatondo ko kur'uyu wa mbere igenekere...
02/10/2023

: Harafashwe abana bo mw'ibarabara bahora basaka mu ma sakoshi y'abanyeshure !

Mu gatondo ko kur'uyu wa mbere igenekerezo rya 01/10/2023, Umukuru w'Umutumba wa Nyange - Bushaza NKURUNZIZA Elias ari kumwe n'abakuru b'ubucimbiri, barafashe umugwi w'abana batanu bari bamaze imisi bakubagura abana b'abanyeshure b**a kw'ishure rya Étoile riri kur'uwo mutumba.

Elias Nkurunziza asaba abavyeyi bafise abana bato kubaherekeza bakabashikana kwishure. Yasavye kandi amashirahamwe ajejwe agateka k'abana gufasha mu gikorwa co gukura abana mw'ibarabara no kubasubiza mu mashure kuko abana bahevye amashure aribo baca bata imiryango yabo bakaja mw'ibarabara aho usanga bahakura ingeso mbi n'ubugizi bwa nabi kanatsinda bamwe mubafashwe baheruka kuva mumashure.

Mwomenya ko abo bana bo mw'ibarabara baciye bashikirizwa abajejwe intwaro kugira bazosubizwe mu miryango yabo.

✍️ Ferdinand Bimenyimana

  : Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 28/09/2023, Ishirahamwe "Agro Action Allemande" benshi bita "Welt Hunger Hilfe" rya...
30/09/2023

: Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 28/09/2023, Ishirahamwe "Agro Action Allemande" benshi bita "Welt Hunger Hilfe" ryaratanze imbuto z'ibigori vyimbuka cane vyitwa BAZOKA ku mitumba ya Kagege, nyabisindu, Gisenyi n'iyindi yo muri Komine Busoni y'Intara ya Kirundo m'Umugambi waryo wiswe "KURWIZA".Iryo shirahamwe ririko rikorera mu makomine ane yo mu Ntara ya Kirundo ariyo Bwambarangwe, Busoni, Bugabira na Kirundo, mu ntumbero yo gufasha abenegihugu kugwiza umwimbu.

Umuyobozi w'iryo shirahamwe mu Ntara ya Kirundo Isidore Hatungimana yavuze ko iryo shirahamwe ryiteguye gutanga iyo mbuto y'ibigori mu mashirahamwe n'amakoperative, hamwe n'abenegihugu bangana na 45000 mu ntara ya Kirundo. Vyose bikaba biriko bikorwa mu ntumbero yo gushigikira Umukuru w'Igihugu m'umugambi wiwe wo kugwiza umwimbu.

Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w'Intara ya Kirundo Éric NDUWAYEZU yari muri ivyo bikorwa, yarakengurukiye cane Ishirahamwe Agro Action Allemande k'ukuntu rishigikira imigambi ya Reta na cane cane mu gisata c'indero, aho ryaterereye bimwe biboneka m'umugambi wo kugaburira abana ku mashure eka no mu nyigisho riha abenegihugu kugira ngo biteho ibijanye no kurima no kworora kijambere.
Uwo mutegetsi akaba yabandanije asaba abenegihugu gushigikira Umukuru w'Igihugu mu kwirinda amarigara mu kutazindukira mu bunywero kugira ngo baje mu ntumbero ya Reta y'uko Uburundi buzoba igihugu cigaba kikigaburira mu 2040 eka kikaba igihugu giteye imbere mu 2060.

Abenegihugu bari aho barakengurutse cane uwo mugambi bagasaba ko wokwizwa hose ndetse bagahabwa n'abafundi b'indimo babafasha gukurikirana imirima yabo bagasaba kandi guhabwa umwavu ku gihe, kugira ngo ntibacererwe iteragira ry'agatasi.

Mwomenya ko umwenegihugu wese yari aho yahawe amagarama ijana y'intete z'ibigori vyimbuka cane vyitwa BAZOKA bizoshobora gutanga umwimbu uri hagati y'ibiro 48 na 60 umwimbu umaze kwera.
Ishirahamwe Agro Action Allemande rikaba kandi ryamenyesheje ko rizotanga umwavu ku benegihugu bahawe izo mbuto z'ibigori kugira ngo baze barabe aho bazoba bavuye naho bazoba bageze bamaze kwimbura.

✍️ Aimé Lucky NGENDAHAYO

  : Bamwe mu basanzwe ari abadandaza b'ifu y'imyumbati n'abakora ku vyuma bisya imyumbati bavuga ko ku basanzwe bakora a...
30/09/2023

: Bamwe mu basanzwe ari abadandaza b'ifu y'imyumbati n'abakora ku vyuma bisya imyumbati bavuga ko ku basanzwe bakora ako kazi bose bakwiye n'imiburiburi kunywa igice c'iritiro y'amata bagodotse kubera ko usanga ifu ibinjiramwo bivanye n'ingene iba itumuka cane ari nyinshi. Ariko n'aho bir'uko si bose baronka amahera yo kugura ayo mata. Baca banywa amazi , canke abanywa inzoga bakanywa inzoga.

Kubwa Muganga Kwizera Samuel arongoye Intara y'ubuvuzi ya Kirundo, Ifu y'imyumbati, iy'ibigori canke isima iyo uwubikoramwo atikingira mu kwambara agapfukamunwa n'izuru, bishobora kwinjira mu mubiri kubera bitumuka bikabandanya, bika mata ku mahaha, b**atuma umuntu ashobora kugira ikibazo mu guhema mbere bibandanije b**ashobora kumuviramwo na cancer. Ati "Vyoba vyiza bagiye barorondera ibibakingira nko kwambara agapfukamunwa n'izuru mu gihe bari ku kazi."

✍️F***y Niyera

  : Mu kiganiro "amahoro music" gisanzwe gica kuri Radio Remeshamahoro FM k'umunsi wa kabiri no kuwa gatanu, kikaremeshw...
28/09/2023

: Mu kiganiro "amahoro music" gisanzwe gica kuri Radio Remeshamahoro FM k'umunsi wa kabiri no kuwa gatanu, kikaremeshwa n' Umumenyeshamakuru Eugene Nzeyimana batazira "NEUGE promoter", kuri uyu wa kabiri hari hatumiwe abaririmvyi babiri , uwitwa "Nelson hero" hamwe na "Innocent Lee".

Abo baririmvyi bavuze ko umuziki wabo bashaka ko ubagirira akamaro , ariko kandi bakipfuza n'uko woba kimwe mu cotuma batera imbere, bagateza n' Igihugu imbere . Bati :"dukora cane tutiziganya kugira turabe icoduteza imbere, natwe tugateza imbere imiryango yacu hamwe n'igihugu cacu muri rusangi."

✍️ Eugene Nzeyimana

  : "Turashobora kwemeza tudakekeranya ko mu kibano cacu ibihe vy'amahoro vyibonekeza!"Vyavuzwe na Éric Nduwayezu, Umuyo...
26/09/2023

: "Turashobora kwemeza tudakekeranya ko mu kibano cacu ibihe vy'amahoro vyibonekeza!"

Vyavuzwe na Éric Nduwayezu, Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w'Intara ya Kirundo Province kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 26/09/ 2023 mu birori vyo guhimbaza Umusi mpuzamakungu waharirwe amahoro mu Ntara ya Kirundo, ku civugo "Ibikorwa vy'amahoro". Yavuze kandi ko amatati yatatuwe, abankana urunuka basigaye bavugana, bakicarana eka bakananywera hamwe, ingo zari zarasenyutse nazo ngo zarasubije hamwe .

Uwuserukira Ishirahamwe Help Channel Burundi mu Burundi Ndikuriyo Cassien n'uwuserukira Ishirahamwe Tearfund mu Burundi Majambere Désiré, bavuze ko bazobandanya gushigikira Intara ya Kirundo mu gufasha gutsimbataza amahoro mu kibano mu gihe Ishirahamwe Help Channel rifashwe m'umugongo n'ishirahamwe Tearfund, risanzwe ririko rirangurira umugambi wo gusasagaza amahoro muri Komine ya Busoni, aho abenegihugu bo muri iyo Komine bashinze intahe ingene biciye mu nyigisho baronse mur'uwo mugambi, vyatumye amahoro asasagara mu kibano, bakavugako bariko barigisha n'abandi.

Mwomenya ko uwo musi mukuru wari watunganijwe n'ishirahamwe Help channel rifashwe m'umugongo n'ishirahamwe Tearfund, wahimbarijwe mu nyubakwa za Hotel Shinge na rugero. Uwo munsi mukuru ukaba usanzwe uhimbazwa kw'igenekerezo rya 21 nyakanga uk'umwaka utashe kw'isi yose.

✍️ F***y Niyera

  : Mu ntumbero yo guhuza urwaruka rusanzwe rukurikiranwa n'Ishirahamwe COOPED m'Umugambi waryo "WIYIZIRE" , kuri uyu wa...
25/09/2023

: Mu ntumbero yo guhuza urwaruka rusanzwe rukurikiranwa n'Ishirahamwe COOPED m'Umugambi waryo "WIYIZIRE" , kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23/09/2023 ryaratunganije igikino ryise "NKINANKEBURA" kuri urwo rwaruka mu gihugu cose. Mu ntara ya Kirundo bikaba vyabereye muri Hôtel INEZA iri k'umurwa mukuru w'iyo ntara.

Nk'uko bivugwa na Rivuzimana J. Pierre, umuhuzabikorwa vy'iryo shirahamwe mu Ntara ya Kirundo, ngo ivyo bikino vyatunganijwe mu ntumbero yo guhuza urwaruka basanzwe bakurikirana kugira biginane imbere y'uko basubira ku mashure.

Mu ndinganizo yawo, uwo mugambi watanguriye mu ntara indwi harimwo na Kirundo. Uri ku kivi kuva mu kwezi kwa Rusama 2020 , ukaba kandi ukibandanya. Ivyo bikino vyarimwo impanuro n'inyigisho nyinshi ku bijanye no kwikingira , kwivuza no kutanduza abandi umugera ruhonyanganda SIDA.

Mwomenya ko ivyo bikino vyari bigizwe kandi n'utubazo tubazwa urwaruka, abishuye neza bagahabwa udushimwe tugizwe n'amasabuni,amasuka,amakaye nibindi hakaba hari hatumiwemwo abajejwe intwaro, abajejwe amagara y'abantu n'abajejwe ubutungane bakorera mu makomine agize intara ya kirundo.

✍️ Deo Nkurunziza

  : Mu kiganiro Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y'abantu no kurwanya Sida burikumwe n'Ishirahamwe FINUAP bwatu...
23/09/2023

: Mu kiganiro Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y'abantu no kurwanya Sida burikumwe n'Ishirahamwe FINUAP bwatunganije ku vyerekeye indwara zo mu kigo zifata abakenyezi, bamwe mu bakenyezi barashinze intahe bavuga ubuzima baciyemwo mu gihe bari bakirwaye nko gukumirwa mu kibano, gutabwa n'abo bubakanye n'ibindi.

Hari n'umugabo yashinze Intahe y' ivyamubayeko igihe umupfasoni wiwe yari kwivuza mu kigo gikurikirana abagwaye iyo ndwara i Gitega. N'agahinda kenshi kibonekeza kuri we, yavuze ko abantu benshi bamubwira ngo n'arondere uwundi mugore kuko ng' uwo basanzwe bubakanye n'aho yogaruka mu rugo azoza atacagishoboye gukora akazokwirerana abana wenyene. Ati " nanje nibutse amasezerano twasezeranye imbere y'Imana n'abantu nkumva sinokwubahuka kumuhemukira nca nifatira ingingo yo kumugwaza gushika akire canke adakize ndamufubane iteka nzotore uwundi mugore atakiriho."

✍️ Evelyne Ndikumana

  : Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya  23/9/2023 hatunganijwe ibikorwa rusangi ku rwego rwa  Komine Kirundo. Ivyo bi...
23/09/2023

: Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23/9/2023 hatunganijwe ibikorwa rusangi ku rwego rwa Komine Kirundo. Ivyo bikorwa bikaba vyari ivyo kwubaka inzu yo kwakira ingenzi zikeneye kwivuna akanyota (akabare). Bikaba vyatewe iteka n'icegera ca kabiri c'Umukuru w'Inama nshingamateka Abel Gashatsi.

Mw'ijambo ry'ikaze, Albert Hatungimana Buramatari w'Intara ya Kirundo yashimye ukuntu Komine Kirundo ifise ibibanza vyinshi kandi vyokurata. Yahamagariye abanyakirundo kuvyaza umusaruro ivyo bibanza kugira ngo Komine Kirundo nayo yinjize amahera mvamakungu. Ati : " ingenzi zizoronka aho ziraza ingendeshwa eka no kuruhuka bakaronka aho baruhukira mu kwivuna akanyota."

Icegera ca kabiri c'Umukuru w'Inama nshingamateka Abel Gashatsi yasavye abanyakirundo kuguma ku kivi mu gutera imbuto kare kugira Kirundo igume vy'ukuri ari ikigega c'Igihugu. Yasavye kandi abenegihugu bo mu Kirundo gukomeza kubumbatira amahoro n'umutekano kuko ari vyo mushinge w'iterambere rirama.

✍️ Eugene Nzeyimana

   : Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 22/9/2023 muri RAMA Hôtel hatunganijwe ikiganiro kijanye n'irondoka rijanye n'am...
22/09/2023

: Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 22/9/2023 muri RAMA Hôtel hatunganijwe ikiganiro kijanye n'irondoka rijanye n'amagara meza (P.N.S.R). Ivyo bikorwa vyuguruwe n'umuhanuzi wa buramatari ajejwe ivy'imibano, imico n'akaranga Kwizera Jean Baptiste. Mw'ijambo ry'ikaze yashikirije, yashimiye cane ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwiyumviriye kugirira ico kiganiro mu Ntara ya Kirundo, akaba yahamagariye abakenyezi kutikumira kubera indwara yo mu kigo kuko ng' iravurwa igakira.

Muganga arongoye umugambi w'Igihugu ujejwe irondoka rijanye n'amagara meza Niyonkuru Cédric mw'ijambo yashikirije, yamenyesheje abakenyezi bar'aho ko indwara yo mu kigo ifata abakenyezi baba bariko baribaruka mu gihe batevye ku bise cane . Aho rero iyo ndwara uwoyafashe aba atacigumya kandi umwanda mukuru na muto b**aca hamwe, agahamagarira abibonyeko ibimenyetso vy'iyo ndwara ko bokwitura ivuriro ribegereye hanyuma bagaheza bakabarungika mu kigo URUMURI kiri i Gitega gifasha abakenyezi bafise iyo ndwara.Yanashimiye Umupfasoni w'umukuru w'Igihugu Angeline NDAYISHIMIYE yaronkeje inyubako ico kigo gikoreramwo.

Mwomenya ko hari hatumiwe Abakenyezi bigeze kurwara iyo ndwara yo mukigo.

✍️ Évelyne Ndikumana

  :  Abarimyi bo k' Umutumba wa Kiri, agacimbiri Ngaru muri Komine ya Bugabira, Intara ya Kirundo basabwa kubagara vuba ...
21/09/2023

: Abarimyi bo k' Umutumba wa Kiri, agacimbiri Ngaru muri Komine ya Bugabira, Intara ya Kirundo basabwa kubagara vuba umuceri wo mu rufunzo rwa Ngaragu kuko iyo Bugabira yimbuye intara yose iba yimbuye. Kuva k'Umutumba Rugasa gushika k'Umutumba Kiri mwomenya ko ari ama (hectares) arenga igihumbi(1000) . Ivyo ni ivyasabwe n'umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w'intara ya Kirundo Eric Nduwayezu.

N'ubwo biri uko, abarimyi bo muri uwo mwonga bavuga ko batoroherwa mu bikorwa vyabo kubera urwo rufunzo rudatunganije. Basaba igisata kijejwe uburimyi kubatunganiriza urwo rufunzo mu guca imiserege isuka amazi mu ruzi Kanyaru.

✍️ Japhete Ntiharirizwa

  :Mu gihe umuyagankuba war'utunze abantu beshi , bamwe mu basanzwe bawukoresha mu Gisagara ca Kirundo baguma basaba Reg...
20/09/2023

:Mu gihe umuyagankuba war'utunze abantu beshi , bamwe mu basanzwe bawukoresha mu Gisagara ca Kirundo baguma basaba Regideso n'abejejwe intwaro guhagurukira ico kibazo kuko bageramiwe cane .

Bavuga kandi ko bataramenya impamvu k'umurango amuyagankuba uca ucika ariko mw'ijoro batashe ugaca uza batari bubandanye ibikorwa vyabo vy'iterambere mw'ijoro.

Bagasaba ko hoboneka umuco ku biriko biraba kugira bace baja mu bindi bikorwa ntibagume bayarindiriye atari bugaruke :

1.Kubijanye n'ivyatumye icikagurika ry'umuyagankuba riba .
2.Ku kiriko kirakorwa n'ababijejwe
3.Umwanya bizotwara.
4.Kuberiki bayatanga mwijoro abantu baryamye ho kuyatanga ku mutaga abantu bari mu bikorwa vy'iterambere?
Nivyo Radio REMESHAMAHORO FM ikibandanya ibatohoreza kugira haboneke umuco.

✍️ Ferdinand Bimenyimana

  : Kuri uyu wa kabiri, Umuyobozi w'indero mu Ntara ya Kirundo  Mukaporona Leocadie ari kumwe n'Umuyobozi mwishikira mu ...
20/09/2023

: Kuri uyu wa kabiri, Umuyobozi w'indero mu Ntara ya Kirundo Mukaporona Leocadie ari kumwe n'Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w'lntara ya Kirundo Province Eric Nduwayezu baruguruye umwaka w'ishure wa 2023-2024 muri Komine Bugabira kw'ishure shingiro rya Kiri.

Umuyobozi w'indero mu Ntara ya Kirundo, yarashimye cane ku bwitange abigisha barezi bagize muri uyu mwaka w'ishure uheze, akaba yabasavye kubandanya bakora batiziganya ku neza y'iterambere ry' urwaruka aribo Burundi bw 'ejo. Yaranashimitse kw 'iheba ishure ry'abana ryibonekeje muri uyu mwaka w'Ishure uheze. Akaba yavuze ko ahanini vyatewe n'ihindagurika ry ibihe, ubukene mu miryango, inda z'indaro n'uburwayi.

Nayo Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari yarakengurukiye cane bivuye k'umutima ubwitange n'ubukerebutsi abigisha barezi bagize akaba yabasavye kurushiriza gukurikirana indero y' abana b'Igihugu .

Ivyo birori bikaba vyari vyitabiriwe kandi n'abayobozi b'indero muma komine agize lntara ya kirundo hamwe n'umunyamabanga ntayegayezwa muri Komine Bugabira.

✍️ Japhete Ntiharirizwa

  : ☹️ 💡Abenegihugu bo mu gisagara ca Kirundo basanzwe batunzwe n'umuyagankuba  barangwa n'imyidogo iturutse kw'ibura ry...
19/09/2023

: ☹️ 💡Abenegihugu bo mu gisagara ca Kirundo basanzwe batunzwe n'umuyagankuba barangwa n'imyidogo iturutse kw'ibura ry'umuyagankuba rimaze imisi ryibonekeza !

🎤 🔌Bamwe mubo Radio REMESHAMAHORO FM yasanze aho bakorera ibikorwa vyabo bavuze ko bitaborohera kuriha amazu bakoreramwo kandi hari aho n'amahera yo guhemba abakozi canke ayo gutunga imiryango yabo adaheza aboneke narirya ibintu vy'ubu vyose vyaduze amabeyi, bakavuga kandi ko har' igihe baba bafise amasezerano yabakoresheje ibintu ntibabironke. Ivyo b**atuma batakaza icizere ndetse n'ugushwana bagashwanwa nababitura. Ngo hari n'abasesa amata apfa kubera ivyuma bikanyisha(frigo) vyari kuyabika, biba bitaronse umuyagankuba.

👉🗣️ Abakoresha umuyagankuba basaba ko Regideso yoza irabamenyesha ikibazo gihari hakiri kare kugira bashobore gukora ibindi ntibirirwe bicaye bayarindiriye atari bushike kuko baca birirwa ubusa.

  : Mu ntumbero yo gushira mu ngiro itegeko ry'igihugu ryo gukingira ibiyaga mu kwubahiriza imetero mirongo itanu uvuye ...
02/09/2023

: Mu ntumbero yo gushira mu ngiro itegeko ry'igihugu ryo gukingira ibiyaga mu kwubahiriza imetero mirongo itanu uvuye ku mazi, ikigo c'igihugu kijejwe gukingira ibidukikije "Office Burundais pour la Protection de l'Environnement (OBPE) " kibicishije m'umugambi waco wo gukingira no gutunganya neza ibibanza bikingiye vyo mu ntara zo mu buraruko bw'Uburundi, caratunganije uruganda rw'umunsi umwe kubahurikiye mu makomite ajejwe ishirwa mu ngiro ry'uwo mu gambi harimwo no kwakira no gutorera inyinshu imyidogo y'abenegihugu ifatiye kw'ishirwa mu ngiro ry'uwo migambi uzomara amezi cumi n'umunani.

Désiré BUKURU ajejwe ubuhinga muri OBPE yahamagariye abitabiriye urwo ruganda kumenya gutandukanya imyidogo bazokwakira kuko iyizoba yerekeye uwo mugambi ariyo yonyene bazoba bajejwe kwakira no gutorera inyishu.

Abakurikiye inyigisho z'urwo ruganda rw'umunsi umwe rwabereye mw'ihoteri Royal yo mu Gisagara ca Kirundo kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 31-09-2023, bavugako izo nyigisho zizobafasha gutorera umuti imyitwarariko y'abenegihugu bidaciye mu ngimba.

Mwomenya ko urwo ruganda rwari rwatumiwemwo abagize ayo makomite bava ku mitumba yo muri Komine Kirundo ikora ku kiyaga Rwihinda; abakozi bo mu kigo OBPE hamwe n'Umuhanuzi wa Buramatari w'Intara ya Kirundo ajejwe iterambere Virginie Cimpaye.

Address

Runanira 3
Kirundo

Opening Hours

Monday 06:00 - 21:00
Tuesday 06:00 - 21:00
Wednesday 06:00 - 21:00
Thursday 06:00 - 21:00
Friday 06:00 - 21:00
Saturday 06:00 - 21:00
Sunday 06:00 - 21:00

Telephone

+25762335373

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio Remeshamahoro FM 102.1 MHZ. posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Radio Remeshamahoro FM 102.1 MHZ.:

Share

Category

Nearby media companies


Other Radio Stations in Kirundo

Show All