Radio Remeshamahoro FM 102.1 MHZ

Radio Remeshamahoro FM 102.1 MHZ KIRUNDO
(1)

⚫🟠✝️Inyuma y'inkuru y'umubabaro y'urupfu rw'Umuvyeyi w'Umuhisi Prezida Petero   yahoze arongoye U Burundi, Umukuru w'Igi...
08/02/2024

⚫🟠✝️Inyuma y'inkuru y'umubabaro y'urupfu rw'Umuvyeyi w'Umuhisi Prezida Petero yahoze arongoye U Burundi, Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste , yarifadikanije n'umuryango wabuze Kur'uyu wa gatatu, mu kigandaro i , araheza aranatera umukono mu gitabu c'iteka.

📸Ntare Rushatsi house

  : Kuba ivyo abarundi bafise bu mu 2024 vyavyawe n'umutahe uburundi bwari bufise muri 2005 ni ikimenyetso c'uko umutahe...
08/02/2024

: Kuba ivyo abarundi bafise bu mu 2024 vyavyawe n'umutahe uburundi bwari bufise muri 2005 ni ikimenyetso c'uko umutahe bafise ubu uzobashikana ku vyo bipfuza muri ya mbono ya2040 na 2060. Ivyo Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Évariste Ndayishimiye yabivugiye mu mwiherero yagiranye na ba Buramatari b'Intara zose z'uburundi ku kirimba c'iwe kiri ku mutumba Bugera muri Komine n'Intara ya Kirundo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 08-02-2024.

Kugira Uburundi bushike kuri ya mbonakazoza y'igihugu cifashe muri 2040 n'igihugu giteye imbere mu 2060, Sebarundi yasavye abarundi kuvavanura n'ingendo yo gushaka kurya batakoze. Yatanze akarorero k'aho usanga abakomisyoneri badandaza inka batoroye. Ugasanga bagendana inkoni gusa. Ngo uravye ingene uburundi bumeze haheze imyaka17 gusa kuva muri 2005, inyuma y'imyaka 16 muri 2040 buzoba bwarashikiriye ya mbono nibwakoresha neza umutahe bufise.

Évariste Ndayishimiye yibukije ba buramatari ko ari abavyeyi b'intara bakongera bakaba abungere kuko abenegihugu bakeneye uwitwararika ubuzima bwabo.

Buramatari ngo afise ubutumwa bwo gukurikiranira hagufi ko abenegihugu baroraniwe.

Yasozereye avuga ko mu bimenyetso vyerekana igihugu giteye imbere hari mwo kuba umwenegihugu wese afise ibimukwiye.

31/01/2024
23/11/2023
  : Ku civugo kivuga kiti : "AMAZI N'UBUZIMA, AMAZI ARATUGABURIRA TWESE, TUYAKINGIRE", kuri uyu wa 16/10/2023 hari haram...
17/10/2023

: Ku civugo kivuga kiti : "AMAZI N'UBUZIMA, AMAZI ARATUGABURIRA TWESE, TUYAKINGIRE", kuri uyu wa 16/10/2023 hari haramutse hahimbazwa Umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe gufungura neza, Umunsi mukuru usanzwe uhimbazwa kw'isi yose buri genekerezo rya 16/10 uko umwaka utashe. Ibirori vyo kuwuhimbaza k'urwego rw'Igihugu, vyabereye k'Umutumba wa Runyonza wo muri Komine n'Intara ya Kirundo, bikaba vyari vyatewe iteka n' Umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi no gukingira ibidukikije Prosper Dodiko.

Ivyo birori vyatangujwe n'igikorwa co gutanguza umwaka w'uburimyi w'2023-2024, haca hakurikira ihayanisha gurisha ry'abarimyi n'aborozi bo mu Ntara zitandukanye z'Uburundi.

Mw'ijambo ry'ikaze yashikirije abitabiriye ivyo birori, Buramatari w'Intara ya Kirundo Province Colonel de Police Segasago Victor yashimiye Reta y'Uburundi kuba yahisemwo k'Umunsi mukuru wahariwe gufungura neza uhimbarizwa mu Ntara ya Kirundo, agirako asaba ko Reta yofasha Intara ya Kirundo kugirango amazi ategugwe neza, ashikire abenegihugu, kugirango ntibandure indwara. Yasavye kandi abariko barashira mu ngiro umugambi wo kuvomera mu Ntara kuvyihutisha.

Umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi no kubungabunga ibidukikije Prosper Dodiko mw'ijambo yashikirije abari aho yavuze ko Reta yahisemwo guhimbariza uwo munsi mu Ntara ya Kirundo kubera ari Intara idasanzwe , yigeze kuba igaburira Igihugu cose. Avuga ko ari mu ntumbero y'uko Intara ya Kirundo yosubira ikaba ikigega c' Igihugu. Prosper Dodiko yasavye abarimyi Bose gushigikira imigambi ya Reta yo kubungabunga ibidukikije.

Mwomenya ko ivyo birori vyasozerewe hatangwa ubushimwe ku mashirahamwe y'uburimyi yigenjeje neza.

✍️ Ndayisenga Fernand



  : Uwahoze ari Buramatari w'Intara ya Kirundo Albert HATUNGIMANA aripfuriza kuroranirwa mu mabanga Colonel de Police Vi...
17/10/2023

: Uwahoze ari Buramatari w'Intara ya Kirundo Albert HATUNGIMANA aripfuriza kuroranirwa mu mabanga Colonel de Police Victor SEGASAGO aherutse kwizerwa n'Umukuru w'Igihugu ngo amukorere mu ngata.

Hari kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 15-10-2023 mu birori vyo kubisikanya vyabereye mu nyubakwa z'ibiro vy'Intara ya Kirundo bikaba vyari vyatumiwemwo indongozi z'ubuzi butandukanye bwa Reta.

Mw'ijambo ryiwe, Albert HATUNGIMANA yabwiye Victor ko Intara ya Kirundo itekanye kuko abenegihugu bose bari ku kivi, abarimyi baronse ifumbire n'imbuto kare bakaba bariko bararangiza guteragira.

Mu gisata c'indero, yashikirije uwuje kumukorera mu ngata umugambi wihuta wo gutunganya neza Kaminuza yitiriwe ibiyaga vyo mu Kirundo. Nayo mu bijanye n'imigenderanire, yavuze ko yari yaratanguje umugambi wo gutahukana impunzi ziri mu Gihugu c'Uwanda. Uwundi mugambi wihuta yamushikirije ni igikorane cimirije c'Igihugu cose kizotunganirizwa kikongera kikabera mu Ntara ya Kirundo nk'uko vyategetswe n'Umukuru w'Igihugu mu ntumbero yo gukengurukira Imana kuba abarundi barayisenze ikabumvira ikabaronsa imvura, abanyakirundo bakaba barejeje neza ivyo barimye ku mpeshi.

Mw'ijambo ryiwe, Buramatari mushasha Colonel de Police Victor SEGASAGO yasavye abanyakirundo kuja ku kivi bafatanye mu nda kuko ngo inyakamwe inyaga imwe nayo igashima iyishikanye.

✍️ Déo NKURUNZIZA


  : Mu ntumbero yo guhuza urwaruka rusanzwe rukurikiranwa n'Ishirahamwe COOPED m'Umugambi waryo "WIYIZIRE" , kuri uyu wa...
26/09/2023

: Mu ntumbero yo guhuza urwaruka rusanzwe rukurikiranwa n'Ishirahamwe COOPED m'Umugambi waryo "WIYIZIRE" , kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 23/09/2023 ryaratunganije igikino ryise "NKINANKEBURA" kuri urwo rwaruka mu gihugu cose. Mu ntara ya Kirundo bikaba vyabereye muri Hôtel INEZA iri k'umurwa mukuru w'iyo ntara.

Nk'uko bivugwa na Rivuzimana J. Pierre, umuhuzabikorwa vy'iryo shirahamwe mu Ntara ya Kirundo, ngo ivyo bikino vyatunganijwe mu ntumbero yo guhuza urwaruka basanzwe bakurikirana kugira biginane imbere y'uko basubira ku mashure.

Mu ndinganizo yawo, uwo mugambi watanguriye mu ntara indwi harimwo na Kirundo. Uri ku kivi kuva mu kwezi kwa Rusama 2020 , ukaba kandi ukibandanya. Ivyo bikino vyarimwo impanuro n'inyigisho nyinshi ku bijanye no kwikingira , kwivuza no kutanduza abandi umugera ruhonyanganda SIDA.

Mwomenya ko ivyo bikino vyari bigizwe kandi n'utubazo tubazwa urwaruka, abishuye neza bagahabwa udushimwe tugizwe n'amasabuni,amasuka,amakaye nibindi hakaba hari hatumiwemwo abajejwe intwaro, abajejwe amagara y'abantu n'abajejwe ubutungane bakorera mu makomine agize intara ya kirundo.

✍️ Deo Nkurunziza

  : Kuri uyu wa kabiri, Umuyobozi w'indero mu Ntara ya Kirundo  Mukaporona Leocadie ari kumwe n'Umuyobozi mwishikira mu ...
20/09/2023

: Kuri uyu wa kabiri, Umuyobozi w'indero mu Ntara ya Kirundo Mukaporona Leocadie ari kumwe n'Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w'lntara ya Kirundo Province Eric Nduwayezu baruguruye umwaka w'ishure wa 2023-2024 muri Komine Bugabira kw'ishure shingiro rya Kiri.

Umuyobozi w'indero mu Ntara ya Kirundo, yarashimye cane ku bwitange abigisha barezi bagize muri uyu mwaka w'ishure uheze, akaba yabasavye kubandanya bakora batiziganya ku neza y'iterambere ry' urwaruka aribo Burundi bw 'ejo. Yaranashimitse kw 'iheba ishure ry'abana ryibonekeje muri uyu mwaka w'Ishure uheze. Akaba yavuze ko ahanini vyatewe n'ihindagurika ry ibihe, ubukene mu miryango, inda z'indaro n'uburwayi.

Nayo Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari yarakengurukiye cane bivuye k'umutima ubwitange n'ubukerebutsi abigisha barezi bagize akaba yabasavye kurushiriza gukurikirana indero y' abana b'Igihugu .

Ivyo birori bikaba vyari vyitabiriwe kandi n'abayobozi b'indero muma komine agize lntara ya kirundo hamwe n'umunyamabanga ntayegayezwa muri Komine Bugabira.

✍️ Japhete Ntiharirizwa

  : ☹️ 💡Abenegihugu bo mu gisagara ca Kirundo basanzwe batunzwe n'umuyagankuba  barangwa n'imyidogo iturutse kw'ibura ry...
20/09/2023

: ☹️ 💡Abenegihugu bo mu gisagara ca Kirundo basanzwe batunzwe n'umuyagankuba barangwa n'imyidogo iturutse kw'ibura ry'umuyagankuba rimaze imisi ryibonekeza !

🎤 🔌Bamwe mubo Radio REMESHAMAHORO FM yasanze aho bakorera ibikorwa vyabo bavuze ko bitaborohera kuriha amazu bakoreramwo kandi hari aho n'amahera yo guhemba abakozi canke ayo gutunga imiryango yabo adaheza aboneke narirya ibintu vy'ubu vyose vyaduze amabeyi, bakavuga kandi ko har' igihe baba bafise amasezerano yabakoresheje ibintu ntibabironke. Ivyo bigatuma batakaza icizere ndetse n'ugushwana bagashwanwa nababitura. Ngo hari n'abasesa amata apfa kubera ivyuma bikanyisha(frigo) vyari kuyabika, biba bitaronse umuyagankuba.

👉🗣️ Abakoresha umuyagankuba basaba ko Regideso yoza irabamenyesha ikibazo gihari hakiri kare kugira bashobore gukora ibindi ntibirirwe bicaye bayarindiriye atari bushike kuko baca birirwa ubusa.

25/08/2023

Intwari muze hano mumbwire tuno tuntu.

Imvukira z' ntimwirwe murata umwanya aha hakora gusa

14/08/2023

: N'ubwambere mu mateka y'uburundi, ijejwe gutabara izoherekeza imiduga izoba iri mwihiganwa ryo gusiganwa rizoba muri kuno kwezi

🇧🇮 Nk'uko vyemezwa na Adon Negamiye arongoye ishirahamwe ryo gusiganwa n'imiduga mu ( AUTOMOBILE DU BURUNDI), indege yo mu bwoko bwa Kajugujugu ijejwe gutabara izoba iriko iguruka iherekeza abasiganwa muri rya higanwa mpuzamakungu ryo kwiruka mu miduga African Rally Championship rizobera mu Burundi kuva kuwa 18 kugeza kuwa 20 kuno kwezi turimwo.

Iryo higanwa rikazobera mu ntara ya .

  : Umuririmvyi rurangiranwa Nzeyimana Nassor batazira  Lolilo Simba yari umutumire wa Radio Remeshamahoro FM kuri uyu w...
11/08/2023

: Umuririmvyi rurangiranwa Nzeyimana Nassor batazira Lolilo Simba yari umutumire wa Radio Remeshamahoro FM kuri uyu wa gatanu mu kiganiro Amahoro Music gisanzwe kiremeshwa n' umumenyeshamakuru Eugene Nzeyimana . Lolilo akaba afise igiteramo mu Ntara ya Kirundo Province kuri uyu wa 12/08/2023 .

08/08/2023

: Umumenyeshamakuru ari mu gasho

Phenias Ndayishimiye arongoye uruganda rwo kumenyeshamakuru kuri radiyo Shima Fm isamiranira muri komine n’intara ya yaraye ijoro ryiwe rya mbere mu gasho k' igipolisi mu

Uyo mu menyeshamakuru akaba yahagaritswe ku mutahe w’umushikirizamanza wa repubulika mu ntara ya nk’isaha cumi na zibiri z’umugoroba aho yabajijwe ni icariho c’uyo mushikirizamanza imbere yuko ajanwa mu gasho k’igipolisi aho mu

Ubuyobozi bwa Radio Shima fm bwemeza ko Phenias Ndayishimiye yitwariwe n’abanyene Radio Izere FM isanzwe isamiranira nayo nyene Mu Rumonge kubijanye n’ubutumwa bwaciye ku rubuga rwa facebook rw’uyo mu menyeshamakuru, ubutumwa uyo mumenyeshamakuru yavuze ko atazi uwabwanditse kandi ko hoba hari uwinjiye kuri urwo rubuga rwiwe akandika ubwo butumwa bwasaba abahora bafasha mu buryo radio izere fm kwimukira kuri radio Shima fm

Ubuyobozi bwa radio fm busaba ko uyo mu menyeshamakuru yorekurwa agakwirikiranwa y’idegemvya ubutungane nabwo bukisunga amategeko kandi bukumviriza impande zose uwagiriwe n’icaha akagihanirwa.

Inkomoko

Mu rugendo Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye arimwo mu gihugu c'ubushinwa, yakiriwe na mugenzi we Xi Ji...
28/07/2023

Mu rugendo Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye arimwo mu gihugu c'ubushinwa, yakiriwe na mugenzi we Xi Jinping. Mu vyo bayaze bakaba bagarutse ku migenderanire y'ivyo bihugu mu mice myinshi.

  : Kur'uyu wa kane igenekerezo rya 13/07/2023 mu nyubakwa za Royal hôtel,  Ikigo c'Igihugu kijejwe kubungabunga ibiduki...
13/07/2023

: Kur'uyu wa kane igenekerezo rya 13/07/2023 mu nyubakwa za Royal hôtel, Ikigo c'Igihugu kijejwe kubungabunga ibidukikije OBPE catanguje icese ibikorwa kigiye kurangurira mu Ntara ya Kirundo Province mu ntumbero yo kubungabunga ibidukikije n'ibibanza vy'iratiro biharangwa.

Mw'ijambo ry'ikaze, Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w'Intara ya Kirundo Eric Nduwayezu yavuze ko ari umugambi uje hageze kuko hariho n'Ikirimba c'Umukuru w'Igihugu kiriko kirubakwa mu Ntara ya Kirundo, akavuga ko Kirundo muri Butanyerera mu gisata c'ingenzi izofata iyambere hatibagiwe no mu bindi bisata vy'uburimyi n'ubworozi.

Umuyobozi mukuru w'ikigo OBPE DG Ir Berchimas HATUNGIMANA yashimiye abitavye inama, abamenyesha ko bakwiye kwerekana uruhara rwabo mu gukingira ibidukikije na cane cane ibibanza bikingiye uhereye ku metero 50 zo kunkengera z'ibiyaga. Yavuze kandi Ko ibikorwa bagiye kurangura bizofasha mu kunagura imibereho y'abenegihugu. Mwomenya ko haciye hatangwa umwanya w'ibibazo ku bitabiriye inama kugira basigurirwe aho bafise amakenga.

  : Mu kiganiro yagiranye n'abenegihugu biciye kuri Radio Remeshamahoro FM, Buramatari w'Intara ya Kirundo Province Albe...
05/07/2023

: Mu kiganiro yagiranye n'abenegihugu biciye kuri Radio Remeshamahoro FM, Buramatari w'Intara ya Kirundo Province Albert Hatungimana yamenyesheje ko ariko arazunguruka ama Zone yose agize Intara kugira yumvirize ibibazo vy'abenegihugu. Akaba amaze kugendera Zone Gatare, Zone Gisenyi na Zone Kiyonza. Amenyesha ko ibibazo vyagarutse cane ari ibijanye n'amatati y'ingo n'imiryango aba aturutse ku bushurashuzi , ku kurenga ibigo no guharika . Ahanura abenegihugu kwitura abahuza b'imitumba imbere yo kuja mu butungane bakarangwa no gutahurana no gushira aho ubutungane bushize. Asaba abenegihugu kudomako urutoke ku ngo zirara ziraryana. Muri ico kiganiro Buramatari w' Intara ya Kirundo Albert Hatungimana yamenyesheje kandi kw'abakozi ba Sentare nkuru y'Igihugu muri iyi ndwi bari i Bwambarangwe kwumviriza imanza zaho, hanyuma mu ndwi iza bazoba bari i Busoni.

Ni umuririmvyi Robert Kelly yamenyekanye cane mu ndirimbo za   cane cane mu ndirimbo  "i believe" yaririmbiye President ...
04/05/2023

Ni umuririmvyi Robert Kelly yamenyekanye cane mu ndirimbo za cane cane mu ndirimbo "i believe" yaririmbiye President ....kubera ivyaha yagirizwa yahavuye akatirwa imyaka 30 y'igifungo.
Rero aho afungiwe ntiyahevye umwuga akora aguma ateramisha abafungwa aho abaririmbira indirimbo zirimwo ubutumwa bwoguhinduka.

Musomyi uhora ukumbura indirimbo ziwe?? Ukumbura iyihe??

Aya mafoto akubwiye iki?Aha ni aho Nyenicubahiro umukuru w'igihugu Gnl.Major  Varisito NDAYISHIMIYE arikumwe nabahoze ba...
24/04/2023

Aya mafoto akubwiye iki?
Aha ni aho Nyenicubahiro umukuru w'igihugu Gnl.Major Varisito NDAYISHIMIYE arikumwe nabahoze batwara igihugu c'uBurundi.

Uri umurundi ukunda umuziki, mbega n'iki bikubwiye kubw'izi ndirimbo zahwgaritswe gusamirana kumaradiyo?
24/04/2023

Uri umurundi ukunda umuziki, mbega n'iki bikubwiye kubw'izi ndirimbo zahwgaritswe gusamirana kumaradiyo?

 :Perry Saxe Gateka agiye gushiraho ikarata simu izoba ikora gusa ibijanye na interinete inyuma yo kubona yuko umuvuduko...
31/03/2023

:Perry Saxe Gateka agiye gushiraho ikarata simu izoba ikora gusa ibijanye na interinete inyuma yo kubona yuko umuvuduko mu gihugu c’ Uburundi uri hasi, ibikorwa vyigerageza ubwo buhinga vyaramaze gutagura kubigira aho kumuseguda umwe abazokoresha iyo karata simu izoba ifise umuvuduko wa Megabayiti 35.

 : Kuri uyu wa 31-03-2023, ibirori vy'uguhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi ku rwego rw'ikomine ya K...
31/03/2023

: Kuri uyu wa 31-03-2023, ibirori vy'uguhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi ku rwego rw'ikomine ya Kirundo mu Ntara ya Kirundo Province vyatangujwe n'umupira w'amaguru w'abakenyezi wabereye ku kibuga c'umupira co k'Umutumba wa Munzenze, ukaba wahuje imirwi y'abakenyezi ya Cewe na Kirundo centre.

Ni mugihe ukwezi kwahariwe abakenyezi kurangiye, abakenyezi bo muri Komine Kirundo bariko barahimbaza Umusi Mukuru wabahariwe wama uhimbazwa igenekerezo rya 08 ntwarante kw'isi yose uko umwaka utashe.

Ibirori bikaba vyatewe iteka na Musitanteri wa Komine Kirundo Habimana Viateur n'umutambukanyi wiwe, Umuhanuzi mw'ihuriro ry'abakenyezi mu Ntara Eve_Lydie Iradukunda n'abandi.

Muri ivyo birori hakaba hategekanwa kuza gutangwa n'Agakemanyi kubakenyezi bantaho nikora.


🔴uBurubdi ku rundi rwego mubuhinga ngurukqna bumenyi: Indoto benshi bahora bafise zabaye ukuri.Urubuga rwa   rusanzwe ru...
29/03/2023

🔴uBurubdi ku rundi rwego mubuhinga ngurukqna bumenyi: Indoto benshi bahora bafise zabaye ukuri.

Urubuga rwa rusanzwe rukoreshwa nabantu benshi cane aha iwacu mu Burundi rwongeyemwo ururimi rw'ikirundi ariko ni inkuru itaramenywa nabantu beshi.

Wewe wahora ukoresha uru rubuga ubona harico bizogufasha? wakiriye gute aka gakuru keza.

🔴  « Intare yashaje yaranse kurisha ». Icamamare rurangiranwa mu mupira w’amaguru Cristiano Ronaldo amaze iminsi afasha ...
27/03/2023

🔴 « Intare yashaje yaranse kurisha ».

Icamamare rurangiranwa mu mupira w’amaguru Cristiano Ronaldo amaze iminsi afasha igihugu ciwe ca Portugal gutsinda mu nkino zo gukurakuranamwo za UEFA EURO 2023.

Ku myaka 38 yiwe, aherutse gutsinda ibitsindo 2 muri 4 , yatsinze , yongera atsinda ibindi 2 muri 6 baraye batsinze .

Mbega wewe umubona nkuwudasanzwe??

“Tariki ya mbere mukwezi kwa mukakaro niho uBurundi bwatirwa.........”  "nimuze dufarane munda dukundaneee..."Yitwa Said...
24/03/2023

“Tariki ya mbere mukwezi kwa mukakaro niho uBurundi bwatirwa.........” "nimuze dufarane munda dukundaneee..."

Yitwa Saidi Brazza yamenyekanye mu ndirimbo nyishi cane, akaba yitavye Imana itariki 23/04/2023.

Tumwifurize Iruhuko ridahera🕊️🕊️🕊️

Mu nyubakwa za "Berur calme hotel" iri mu Ntara ya Kirundo, habereye uruganda rw'umusi umwe mu mugambi wiswe "BURUNDI BU...
01/03/2023

Mu nyubakwa za "Berur calme hotel" iri mu Ntara ya Kirundo, habereye uruganda rw'umusi umwe mu mugambi wiswe "BURUNDI BUHIRE" ufashwe mu mugongo n'ishirahamwe "Welt Hunger Hilfe(WHH)" ugashirwa mu ngiro n'amashurahamwe nka ODEB, Fondation STAMM na COPED.
Intumbero y'urwo ruganda kukaba ari kurwiza umwimbu w'uburimyi n'ubworozi, amazi meza no gufungura neza. Uwo mugambi hano mu Ntara ya Kirundo ukazoba urakorera mu Ntara zibiri arizo Kirundo na Ruyigi. Mu Ntara ya Kirundo ukazokorera muri Komine Vumbi nayo mu Ntara ya Ruyigi ukazokorera muri Komine Ruyigi.

Yugurura urwo ruganda, Eric Nduwayezu Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w'Intara ya Kirundo yavuze ko uwo mugambi uje gufasha cane aho avuga ko hatowe Komine Vumbi ariyo ifise abantu benshi bafise ikibazo kijanye no gufungura neza, kuronka amazi meza, uburimyi n'ubworozi. Uwaserukiye "Welt Hunger Hilfe" yahanuye abagiye gufashwa ko uwufise impene canke ikindi gitungwa ko atogishora ngo nuko ahawe ikindi.

Address

Kirundo

Telephone

+25779179104

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Radio Remeshamahoro FM 102.1 MHZ posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Videos

Share

Category


Other Radio Stations in Kirundo

Show All