INZOGA ZA BRARUDI
"Ugasanga akabare kadafise n'inzu yo kwiherera ngo ni VIP. Ugasanga akabare nta n'intebe yo kwicarako gafise ngo ni VIP..... abenegihugu ntibobandanya bibwa indongizi zirorera"
Colonel Rémy Cishahayo, Buramatari w'intara ya Kayanza. Mwumvirize hano 👇🏿👇🏿👇🏿
Bakunzi ba Kayanza TV turabaramukije!
Ariko none ni gute umuntu yomenya ko yahuye na Yesu/Yezu hanyuma agahindura ingendo?
Mbega ingabirano irashobora kuzimya iyindi? Canke ingabirano zibiri zirashobora kwunganiranira?
Vyose ni muri iki kiganiro 👇🏿 #Impamba y'ubuzima twagiranye n'abavugabutumwa Israël Bahati na Boniface Uwatoranijwe asanzwe ari n'umuririmvyi.
Uri umwigeme uvuka mu ntara ya #Kayanza? Woba warigeze kwipfuza canke wipfuza guhiganwa muri #miss_Kayanza? Abashaka guhiganwa batanguye kwiyandikisha kw'igenekerezo rya 18 kuno kwezi bizorangira kw'igenekerezo rya 08 kigarama 2024. Finale ni igenekerezo rya 31 kigarama 2024.
Muri iyi videwo 👇🏿 umviriza ibisabwa hamwe n'ibitegekanijwe ku bazokwiyandikisha.
Ingo mwirabire akayazwe mu mahiganwa yo kwoga yatunganijwe n'ishirahamwe ryo kwinonora imitsi biciye mu kwoga mu #Burundi aho rya tunganije ku ncuro ya mbere ihiganwa ry'akarere ka 3 mu #Afrika mu kwoga. Iryo higanwa ribera kuri #entente_sportive i #Bujumbura ryitabiriwe n'ibihugu 5 arivyo: Uburundi, #Soudan, #Ouganda, #Tanzanie na #Kenya. Rikaba ryatanguye kuri uyu wa gatanu rikazorangira kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 24 munyonyo 2024. Guhiganwa bitangura isaha zitatu z'igitondo bikarangira isaha imwe y'ijoro.
Ku musi wa gatanu w'indwi iheze Buramatari w'intara ya #Kayanza Colonel Rémy Cishahayo yaruguruye icese ishami ry'ibanki #BCAB n'irya assurance #Inkinzo ari mu gisagara ca Kayanza.
Imbere y'ibirori vyo kwugurura, abaserukiye iyo banki n'iyo assurance babanje gushira udutambara two mu kwezi tumeswa abigeme 321 bo kuri lycée technique #Maramvya, bongera bifadikanya n'abanyeshure bo muri lycée Kayanza mu bikorwa vyo gutera amavoka ya ruhere arenga 500 mw'itongo ry'iryo shure.
Buramatari w'intara ya Kayanza Colonel Rémy Cishahayo yarakeje iyo banki n'iyo microfinance ku ntambwe zimaze gutera. Asaba BCAB gukora amasaha 24 kuri 24 mu ntumbero yo kworohereza abayitura.
Vyose ni muri iyi reresi 👇🏿
IJAMBO
Bakunzi ba Kayanza TV uno musi tuzirikana ijambo riri mu Baroma ikigabane ca 12 ku murongo wa 10 ahagira hati:"Ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose ku vy'icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we".
Turi kumwe n'umuvugabutumwa Israël Bahati muri iyi 👇🏿 videwo
BETA CLASSIC
Ng'ibi vya bisuguti #Beta_Classic bikorerwa mu Kayanza vyabashwayemwo ku bwinshi kandi ku kabeyi keza cane.Agapake kamwe ni amafaranga 800 nayo kurangura ikarato irimwo udupake 40 ni amafaranga 24.000. Ni ibisuguti bikwije ingaburo zose zituma abato n'abakuze bagira amagara meza.Twakure kuri 69 301 080 canke kuri 79 719 651 canke udusange aho dukorera mu gisagara ca #Kayanza ku mutumba wa #Kirema neza na neza mu gacimbiri #Gasenyi.
IMPAMBA Y'UBUZIMA
Mbega burya abantu batanga invitations canke faire-part bakegeranya intererano ata manza bafise ivyo birashobora kubagirako ingaruka co kimwe n'imiryango yabo?Bigenda gute ngo umuntu umutumiye ace aba wanted man kugira aguterere?Nivyo tuyagako muri iki 👇🏿 kiganiro "Impamba y'ubuzima" turi kumwe n'umuvugabutumwa Israël Bahati
DOHORERABARIMYI
Kuri uyu wagatandatu igenekerezo rya 19 gitugutu 2024, koperative Dohorerabarimyi ihurikiyemwo abarimyi b'ikawa ifise icicaro ku mutumba wa #Randa muri komine #Kabarore y'intara ya #Kayanza yarashikirije umuryango w'amikoro make wo ku mutumba #Magana muri zone #Mparamirundi ya komine #Busiga y'intara ya #Ngozi inzu yawubakiye. Muri iyi 👇🏿reresi uwurongoye iyo koperative aratubwira intumbero y'ico gikorwa, abajejwe intwaro hamwe n'umuryango waronkejwe inzu barafise ico bavuga kuri ico gikorwa.
IJAMBO
Twizere ko mwiriwe neza bakunzi ba Kayanza TV.Uno musi dusangira ijambo ry'Imana dusanga muri Timoteyo wa mbere mu kigabane ca gatandatu k'umurongo wa gatandatu. Vyinshi muri iyi 👇🏿 videwo aho turi kumwe n'umuvugabutumwa Israël Bahati
IMPAMBA Y'UBUZIMA
Iyo umwigeme w'imyaka 20 arongowe n'umutama wa 70 canke umusore wa 25 akaja k'umunyokuru wa 70 ninde aba yareheje uwundi? Ninde aba arinda gusumba uwundi?"Uwo mwigeme ngo aba yokwibagana inka"🤣🤣🤣Ni mu kiganiro "Impamba y'ubuzima" co kuri uno musi.Gikurikirane hano 👇🏿