04/01/2024
Ikigo Ndangaburundi c'imico k**a mu Burundi
Kuri Uno musi igenekerezo rya 4 Nzero 2024,hatunganijwe umwiherero uzomara imisi 2.
Ubushikiranganji bw'urwaruka,Inkino n'imico k**a, imigabo n'imigambi y'umuryango wa Afrika y'ubuseruko bwaratunganije umwiherero w'abakomoka mu bisata vyerwa n'ishirwa mungiro ry'ikigo c'imico Ndangaburundi.
Mw'ijambo ryo kwakira abash*tsi baje baserukira inzego zitandukanye zerwa n'ishirwa mu ngiro ry'uwo mugambi,NININAHAZWE Samuel yaserukiye Buramatari w'intara ya Gitega ,ajejwe imibano imico n'akaranga yashimiye abagize iciyumviro yuko ico kigo cokubakwa mu ntara ya Gitega,
Aho yamenyesheje ko mwitunganywa ry'ico kigo boguma bafashanya kuko no muntara ya Gitega hatabuze ivyiza vyotuma n'abanyamahanga babihurumbira kuko hari ivyiza vyishi vyo kurata.
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikranganji bw'urwaruka inkino n'imico k**a akaba ari nawe yaserukiye Umushikiranganji ,yamenyesheje kw'ikigo Ndangaburundi tugiye kuronka kijejwe kwegeranya ubutunzi k**a dusanganwe nk'itunga k**a.
Aho ico kigo gifise intumbero yo gukomeza ishusho y'uburundi biciye mu gukingira,kuzigama neza no guteza imbere iragi k**a ry'igihugu.
Akaba yabasavyeko mu misi 2 uwo mwiherero uzomara bazozirikane ko ari ikigo kidasanzwe gifise uruhara rukomeye muvyo kubungabunga no gukingira imico n'akaranga k'igihugu.
Aho yarangije ashimira reta y'uburundi ku kwitwararika na ntaryo mugukingira no guteza imbere itunga k**a ry'uburundi.
Asaba abari bitavye umwiherero gushira ivyiyumviro n'inguvu hamwe kugirango vuba ico kigo c'imico k**a arico kigo Ndangaburundi kibone izuba kive muvyiyumviro babishire mubikorwa,kibeho nkuko bavyipfuza.
Tukabamenyesha kw'ico kigo kizokubakwa muri commune Giheta kumutumba wa kabanga.