28/06/2024
Aragisha Inama,
Mr NIHO nabonye mugira inama abandi nanje ndashaka mungire inama.Simbona neza naneza aho nohera ariko ibi ndiko ndavyandika mbabaye cane.
Imyaka yaribaye 8 nubakanye n’umugore wanje, ndumugabo akora business nkaba mba hanze yigihugu nfise amafranga ahagije yari gutuma ndamuzana tukabana ino mumahanga hamwe nabana ariko kubwo kwikunda narabiretse kuko inkuru zari nyinshi zingene abagore bata abagabo babo bageze mumahanga bakarongorwa n’abazungu
Nahanuwe na mama, benewacu, hamwe na bashikanje ko nomujana ariko nihagararako ngenda jenyene. Mumezi make niho nagarutse nsanga uwari umugore wanje yararongowe n’uwundi mugabo basigaye babana hamwe nabana bacu mbere ndanatinya kugirisha ADN kumwana wakabiri mugutinya konohava nsanga ataruwanje kubera akimufise munda sinarimpari mpaka avuke ariko kumwana wambere ho narimpari
Uyu mbabwira n’umukobwa namenye nkamukunda twiga muri kaminuza mpaka tugize marriage.Yambwira kenshi ko kwihangana bimunaniye ko kubaho wenyene atabishoboye kubera ko kenshi namara imyaka 2 canke 3 ntataha muhira nataha naho tukamarana ukwezi kumwe ubundi nkasubira hanze.Nibwo bwambere mbabajwe mubuzima kubera ko nkunda umugore wanje cane sinumva konobaho ntamufise namenye konikunze kumurusha ariko namurungira amafaranga ntakintu nakimwe yamburana
Ikibazo gikomeye nuko uwomugabo babana ubu adashaka kumurekura yewe n’umugore wanje ntashaka ko bavana, nabuze uko ndabigenza n’abana banje ntibacibuka kondise ariko nza kubasuhuza kenshi mbere nagerageje gukoresha abana kugira ndabe koyongarukira biba ivyubusa ahubwo ambwira ngo ntore abana banje njane nabo.
Aho bibera bibi nuko n’uyo mugabo babana ndamurusha amafranga ariko umugore wanje ntavyitayeho.Ndemera ko yagiye kubera amakosa yanje ariko ndacamukeneye nkumugore wanje kandi ndamukunda gushika mpfuye
Mr, Nimungire inama yuburyo yongarukira tukongera kwibanira
, Warubizi, Mutima Mutima comedian😂😂😂Mutima comedian😂😂😂Mutima comedian😂😂😂Mutima comedian😂😂😂mNumerien NIHOHNumerien NIHOheTheddy CyacyanaaTheddy Cyacyana