24/07/2024
Ayavurwa iburaya kw'igura n'igurisha
▶️ Umugwi wa FC Barcelone witeguye guha amasezerano y'imyaka itanu umukinyi akiri muto Fermin Lopez.Gushika muri 2029.rero ngo azova muri Jeux Olympiques baca bamuganiriza.
Source [Mundo Deportivo]
▶️ Ferland Mendy myugariro wo kuruhande wa Real Madrid agiye kwongerezwa amasezerano y'imyaka ibiri.Ancelloti ngo ntawundi akeneye kuberako yiteguye gukoresha uwo mufaransa saison yose.
Source [Marca]
▶️ Arsenal yabwiye Crystal Palace ko bokwemera bakabaha rutahizamu wabo Eddie Nketiah hama n'abo bagaca babaha myugariro witwa Marc Guehi.
Source [ Sky sports]
▶️ Manchester city yavuze ko mugihe hogira umugwi ukenera rutahizamu wabo Julian Alvarez utegerezwa kuriha 70M€+5M€ za Bonus.Kandi Uno musore arashaka kuja muwundi mugwi aho ashobora kuronka umwanya wo gukina.
Source [The Sun]
▶️ Imigwi nka Tottenham na Fulham barashaka umukinyi wo hagati mukibuga wa Manchester United Scott Mac Tominey.aho nimugihe Ful Ham batakaje Joao Palhinha ndetse na Tottenham bagatakaza Pierre Émilie Hojberg.ariko Manchester United ntibarota bamurekura.
Source [The Mirror]
▶️ Abakinyi ba Chelsea barashima caane uko Umumenyereza mushasha Enzo Maresca abakoresha imyimenyerezo.ngo biteguye kwitanga kugira ngo bazomuhe igikombe mumwaka uza.
Source [London World]
▶️ Manchester United yiteguye gutanga 100M€ muri Paris Saint-Germain kumukinyi wo hagati mukibuga Xavi Simons.kandi ngo bari tayali.canke ngo bahinduranye abakinyi,Man United ibahe Bruno Fernandez canke Jadon Sancho bace babongera amafranga.
Source [Diario Sport]
▶️ Liverpool igiye kwongereza amasezerano y'abakinyi babo babiri vuba caane.Trent Alexander Arnold na Virgil Van Djik.kuberako amasezerano yabo azohera mumwaka wa 2025.
Source [The Athletic]
▶️ Manchester United irashaka cane umukinyi wa Real Sociedad Martin Zubimendi hamwe na Adrien Rabiot yamaze kurangiza amasezerano na Juventus.
Rossy presenter