Bonesha Amakuru

Bonesha Amakuru La Radio privée
(1)

   : Atagikozwe ibintu birashobora guhagarara.Ishirahamwe ryitaho ineza ry'abaguzi     rirarajwe ishinga n'ubukene bw'ig...
11/12/2023

: Atagikozwe ibintu birashobora guhagarara.

Ishirahamwe ryitaho ineza ry'abaguzi rirarajwe ishinga n'ubukene bw'igitoro bugize imisi bwibonekeza mu gihugu na cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Pierre Nduwayo arongoye iryo shirahamwe akemeza ko ubwo bukene butuma ibintu vyose bihagarara haba mw'iterambere canke mu bindi bisata vyose bigize ubuzima bw'igihugu.

Uwo arongoye ABUCO abona ko atagikozwe cihuta kugira ikibazo c'igitoro gitore inyishu ibiciro vy'ibidandazwa vya nkenerwa ku masoko bizoduga abavyihereza bakabura uko babigenza narirya basanzwe bafise amikoro make .

Agasaba inzego zibijejwe gukora ibishoboka vyose kugira Ubukene bw'igitoro buhari butorerwe inyishu Ku neza y'abarundi bose
.

  : Amakara mu gisagara ca Bujumbura yabaye ikibazo.Abanyagihugu bo mu bice bitandukanye vy'igisagara ca   bavuga ko bab...
11/12/2023

: Amakara mu gisagara ca Bujumbura yabaye ikibazo.

Abanyagihugu bo mu bice bitandukanye vy'igisagara ca bavuga ko babuze ayo bacira n’ ayo bamira kubera Ubukene bw'amakara kandi ari yo bakoresha mu gukinjika. Bakababazwa n'uko abonetse aba azimvye cane nayo abayakeneye bagatonda imirongo ibituma ibikorwa vyo ku musi vyononekara.

Abadandaza ayo makara bo basigura ko iduga ry'amakara ryaturutse ahanini kw'ikena ry'igitoro rimaze imisi riri mu gihugu ku ruhande rumwe, Ku rundi ruhande bagasigurako n'ubukene bw'ibiti bivamwo amakara buhari butuma amakara azimba cane kuko baheza bakarangura Ku biciro bihanitse.

Impande zose zigasaba ko ibituma amakara azimba kandi ariyo afatiye runini imiryango hafi nka yose mu gisagara ca Bujumbura vyotora inyishu Ku neza ya bose maze ubuzima bukagenda neza canke naho hakaronderwa ikindi gisubirira amakara.

11/12/2023

JOUIRNAL DU 11.12.2023

11/12/2023

AMAKURU YO KUWA 11.12.2023

Sosumo : l’arrêt de la production du sucre confirmé
11/12/2023

Sosumo : l’arrêt de la production du sucre confirmé

La direction révèle que cela fait suite aux fortes pluies qui ont détruit des champs de canne à sucre et demande aux commerçants du sucre de ne pas spéculer en procédant à la hausse de son prix.

11/12/2023

WOMENYA YO KUWA 11.12.2023

09/12/2023

AMAKURU MAKURUMAKURU YO KUWA 09.12.2023

08/12/2023

AMAKURU YUWA 08.12.2023 KUMUGOROBA

08/12/2023

TAARIFA YA HABARI YA TAREHE 08.12.2023 JIYONI

 :baratewe amakenga n'ubukene bw'igitoroHasubiye kwibonekeza ibura ry'igitoro co mu bwoko bwa essence na mazout  ku ma s...
08/12/2023

:baratewe amakenga n'ubukene bw'igitoro

Hasubiye kwibonekeza ibura ry'igitoro co mu bwoko bwa essence na mazout ku ma station yo mu bumanuko gisagara ca .

Ush*tse kw'ibarabara ryitwa Avenue du large muri zone komine Muha mu masaha yo mu gatondo aho bita kw’ikorosi uhasanga hari imirwi y’abantu babuze ingene biyunguruza barindiriye ama bus abajana hagati mu gisagara ca bujumbura eka no kuri petit seminaire ni uko vyari vyifashe mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu .

Bamwe mu banyagihugu bavuga ko batagira ayo bacira n’ayo bamira kuko ikibazo c'igitoro kiguma cisubiriza ntigitorerwe umuti urama

Abagendesha imiduga ya bus na taxi bamenyesha ko kurara kuri station vyabaye umugenzo kuko bamaze iminsi 3 batondoye igitoro ariko ntibaronke kuko atakiriho kandi bamaze kugira agahombo kanini ndetse usanga hariko haba ukutumvikana hagati yabo n’abakoresha.

# igitoro # kwiyunguruza # Bujumbura

Burundi:Politique:Babona ko amafaranga azotozwa mu matora ari gushaka gukumira imigambweUmugambwe APDR ubona ko gusaba i...
08/12/2023

Burundi:Politique:Babona ko amafaranga azotozwa mu matora ari gushaka gukumira imigambwe

Umugambwe APDR ubona ko gusaba imiliyoni ijana(100.000.000), mu kibanza c'umukuru w'igihugu no kuduza amafaranga y'ingwati ari gushaka gukumira imigambwe kuzitabira amatora.

Uratangazwa kandi n'ingendo y'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu aho bwari bwasavye imigambwe guterera mw'ihinyanyurwa ry'iryo tegeko ariko ko atanakimwe cafatiweko.

Umugambwe APDR ukaba utanguye kugira amakenga ko amatora yimirije ashobora kurangwa n'ikumirwa ryaba n'abandi,ibishobora gusubiza inyuma intwaro ya Démocratie.

Umugambwe APDR urahumuriza ariko abanywanyi bawo ko atakizowubuza kwitaba amatora naho bizosaba amananiza.

Uwo mugambwe usaba ko integura y'itegeko ritegura amatora ryosubirwamwo.


08/12/2023

Burundi:Politique Amafaranga y'ingwati azotangwa n'abanyepolitike yaradugijwe.

Prosper Ntahorwamiye umunyamabanga akaba n'umuvugizi wa Reta avuga ko Ingwati y'imiliyoni 100,niyo mafaranga asabwa uwushaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu matora y'imirije.
Nayo amafaranga ibihumbi amajana abiri(200.000) akazoba ari ingwati izotangwa n'uwushaka kwitoza mubajenama bama komine.
Avuga kandi ko n'ikiringo co kwiyamamaza cagabanuwe kiva kundwi zitata kija kundwi zibiri.


Burundi:Politique Ntibashimishijwe n'umurwi mushasha wo gutegura amatoraUmugambwe Sahwanya Frodebu ntiwashimye abagize u...
08/12/2023

Burundi:Politique Ntibashimishijwe n'umurwi mushasha wo gutegura amatora

Umugambwe Sahwanya Frodebu ntiwashimye abagize umugwi mushasha wo gutegura amatora CENI.

Fenias Nigaba icegera akaba n'umuvugizi w'umugambwe Frodebu asigura ko abagize uwo murwi batumvikanyweko n'impande zose akemeza mbere ko bava mu mugambwe umwe uri k'ubutegetsi.

Akavuga kandi ko b**aragaza ko amatora ashobora kutagenda neza kuko yemezako bipfira mu nteguro.

Fénias Nigaba agasaba ko uwo mugwi wosubirwamwo kugira amatora azobe meza

 : SOSUMO  ntiririko rirakoraIshirahamwe rihingura isukari Sosumo ryarahagaritse ibikorwa mur'iyi misi.Umuyobozi w'ishir...
08/12/2023

: SOSUMO ntiririko rirakora

Ishirahamwe rihingura isukari Sosumo ryarahagaritse ibikorwa mur'iyi misi.

Umuyobozi w'ishirahamwe Sosumo Général Major Aloys Ndayikengurukiye asigura ko vyatewe n'imvura nyinshi imaze imisi igwa yahungabanije ibikorwa vyo mu mirima y'ibikaju.

Akemeza ko bategerezwa kwikora kw'isukari yo mu makungu kugira batorere inyishu y'ikibazo c'isukari.

Agabisha abadandaza b'isukari boca bikika mu kiza mu kuduza ibiciro vy'umurengera ko uwuzozofatwa yadugije isukari azohanwa hisunzwe amategeko.

#

08/12/2023

AMAKURU MU KIRUNDI YO KUWA 08.12.2023 KUMUTAGA

08/12/2023

AMAKURU YO KU WA 08.12.2023 KUMUTAGA

08/12/2023

CROIX ROUGE DU 08.12.2023

07/12/2023

SYNERGIE DE MEDIAS DU 07.12.2023

07/12/2023

MUNGANO WA RADIO 07.12.2023 JIONI

 : Umugwi mushasha wa   wemejwe n’inama nshingamateka Inama nshingamateka y'uburundi yemeje kuri uyu wa kane abantu indw...
07/12/2023

: Umugwi mushasha wa wemejwe n’inama nshingamateka

Inama nshingamateka y'uburundi yemeje kuri uyu wa kane abantu indwi bagize umurwi mushasha ujejwe gutegura amatora CENI. Prosper Ntahorwamiye yemejwe nk’umukuru wa , yahora ari umunyamabanga akaba n'umuvugizi wa reta, yarigeze kuba umuvugizi wawo. Uwundi yemejwe ni umupfasoni Victoire Nahimana yahoze ari umukenguzamateka akaba agiye kuba icegera c'uwurongoye uwo mugwi.

Hemejwe kandi umupfasoni Bizimuremyi Odette nk'uwujejwe intwaro n'ubutunzi muri CENI, Sylvestre Nyandwi ajwe amategeko, Bizimana François azoraba inyigisho n’ugutanga amakuru, Léonidas Ndayiragije ajejwe ubuhinga bwa none na Gaby Bugaga azoba ajejwe ibikoresho. Abo bagize umurwi bari bemejwe n'Inama nkenguzamateka kuri uyu wa gatatu.

Bamwe mu bashingamateka b'umugambwe bayoboka Agathon Rwasa bavuga ko basohotse muriyo nama kuko batizeye urwo rutonde kuko rwari rwamaze kuzunguruka ku mbuga ngurukanabumenyi ndetse umugambwe ataco yigeze ibazwa ku bijanye naboja mu murwi wa ariko abandi bashingamateka ba CNL batemera Rwasa bakaba babandanije iyo nama.

Cibitoke : des hippopotames dévastent des champs de maïs
07/12/2023

Cibitoke : des hippopotames dévastent des champs de maïs

Les agriculteurs riverains des rivières Ruhwa et Rusizi ne font pas bon ménage avec les hippopotames. Ils broutent leur maïs et les font enregistrer des pertes.

07/12/2023

MUNGANO WA RADIO 07 12 2023

07/12/2023

SYNERGIE DES MEDIA DU 07 12 2023

07/12/2023

AMAKURU YURUNANI GW'AMARADIO MU KIRUNDI 07.12.2023 KU MUTAGA

07/12/2023

WOMENYA YO KUWA 07.12.2023

07/12/2023

WOMENYA YO KUWA 07.12.2023 (JEUDI)

06/12/2023

JOURNAL EN FRANCAIS DU 06.12.2023 SOIR

06/12/2023

AMAKURU MU KIUNDI YUWA 06.12.2023 KUMUGOROBA

  :Imigambwe ntitahura kubona habandanya haba inama za politike zikorwa n’umugambwe uri kubutegetsi mu bigo vya kaminuza...
06/12/2023

:Imigambwe ntitahura kubona habandanya haba inama za politike zikorwa n’umugambwe uri kubutegetsi mu bigo vya kaminuza yu Burundi

Umugambwe uratangazwa no kumva ko hari inama za politike zikorwa n’umugambwe uri kubutegetsi mu bigo vya kaminuza y'uburundi mu gihe hari itegeko ribuza imigambwe gukorera ama nama ku mashure.

Aloys Baricako aramutswa uwo mubambwe avuga ko iryo tegeko ryashizweho bivanye n'inkurikizi zavuye kuma nama ya politike yabera mu mashure muri kahise. Agasaba ababijejwe kubikurikiranira hagufi nayo mu gihe iryo tegeko ryaravuyeho uwo aserukira umugambwe Ranac akabona ko n’iyindi migambwe boyirekurira gukora ama nama mu mashure ntihabe ka mwana wa mama.

Mu mugambwe naho nyene ntibatahura kubona umugambwe umwe uri kubutegetsi ari wo wonyene wemerewe gukora inama y’umugambwe mu bigo vya Kaminuza.

Agathon Rwasa arongoye uwo mugambwe akabona ko ivyo bikora ku buzima bw’igihugu mu gukumira iyindi migambwe ndetse b**atosekaza ubumenyi mu mashure.

  : Ikiziga catowe mu kimangaHari ikiziga c'umugabo w'imyaka 46 catowe mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu mu kimanga kiri ...
06/12/2023

: Ikiziga catowe mu kimanga

Hari ikiziga c'umugabo w'imyaka 46 catowe mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu mu kimanga kiri hafi yaho yarasanzwe akorera ibikorwa vyo kudandaza ku mutumba Nkanda zone Mutoyi komine Bugendana intara ya .

Mu ntwaro abarongoye zone ya Mutoyi bamenyesheje ko uwo yitavye Imana yamenyekanye ku mazina ya Simon Buzibori atakimenyetso cerekana ko yoba yishwe .

Bakemeza ko amatohoza akibandanya kugira hamenyekane icatumye uyo mudandaza yitaba Imana.

  -  :Imvubu zironona imirima y'ibigori.Abarimyi basanzwe bafise indimo zabo ku nkengera z'inzuzi za Rusizi na Ruhwa bar...
06/12/2023

- :Imvubu zironona imirima y'ibigori.

Abarimyi basanzwe bafise indimo zabo ku nkengera z'inzuzi za Rusizi na Ruhwa baridoga ko imvubu zabamariye imirima.

Bakemeza ko ziva mu nzuzi zikaja kwona imirima y'ibigori ari nayo ibangamiwe cane bakavugako ataco bari bukore bagasaba ko hoba ingingo zo gufasha kugira imirima ntibandanye yononwa nk'ivyo bikoko vyo mu mazi.

Mu burongozi bw'ibidukikije mu ntara ya basaba ahubwo abarimyi bose basanzwe barima ku nkengere z'izo nzuzi kwubahiriza imetero 25 zisanzwe zitegekanywa n'amategeko zibuza abantu kugira ico bakorera ku nkengera z'inzuzi.

06/12/2023

WOMENYA YU WA 06.12.2023

05/12/2023

AMAKURU MU KIRUNDI YU WA 05.12.2023 KU MUGOROBA

   :Amanama y'imigambwe abera muri kaminuza y'Uburundi yarakwiye kurekurirwa imigambwe yose.Bamwe mu banyeshure b**a kam...
05/12/2023

:Amanama y'imigambwe abera muri kaminuza y'Uburundi yarakwiye kurekurirwa imigambwe yose.

Bamwe mu banyeshure b**a kaminuza y'Uburundi baba mu kigo co ku Mutanga mu gisagara ca barababazwa no kubona hari amanama y’imigambwe atunganirizwa muri ico kigo agakorwa n'abari mu mugambwe uri kubutegetsi abandi ntibemerwe.

Abo banyeshure bavuga ko bitosekaza umubano kuko abandi bagize ngo batunganye benizo nama batemererwa n'urwo rwaruka ruri mumugambwe uri k'ubutegetsi.

Bagasabako benizo nama z'umugambwe zokwemererwa gukorwa kubari mu migambwe yose bitagenze uko zigatunganirizwa hanze y'ibigo vya kaminuza kugira ntihabe ugucanamwo.

Ku bwa Guillaume Ndayikengurutse umuhinga muvya politike akaba n'umwigisha wa kaminuza kuba abanyeshure ba kaminuza boja mubikorwa vya politike n’ibintu bisanzwe mu gihe vyatangiwe uruhusha n'indongozi za kaminuza kandi ntibibe ibotosekaza agateka k’abandi.

Ku bwiwe haza kuba ikibazo mu gihe ivyo bikorwa vy'imigambwe birekurirwa umurwi umwe gusa.

Ndayikengurutse akabona nyabuna ko abanyeshure ba kaminuza bokwitegurira kuba indongozi mu kugerageza gushira mu bumenyi bwabo ivyiyumviro vya demokarasi bidakumira abandi.

   :ibigo bireze abana bihanzwe n'ubukene bw'uburyo.Ibigo bireze abana  batawe n’abavyeyi canke atabavyeyi bagifise mu n...
05/12/2023

:ibigo bireze abana bihanzwe n'ubukene bw'uburyo.

Ibigo bireze abana batawe n’abavyeyi canke atabavyeyi bagifise mu ntara ya Bubanza bifise ingorane z'uburyo budakwiye hamwe n'ibikoresho vya nkenerwa ibituma abo bana baba mu bizima butoroshe ababakwirikirana n abo bitaborohera .
Bivugwa n'abajejwe intwaro mu ntara ya Bubanza Aho basigura ko usanga ahanini ivyo bigo vyatangujwe n'abakozi b'Imana.

Tharcile Ndayishimiye umwe mu bakurikirana abana barerewe mu kigo "Rema mwana" Kiri muri iyo ntara co kimwe na Jean Bosco Nduwimana Umuyobozi mwishikira mu biro vya Buramatari w'intara ya Bubanza basaba uwo wese abishoboye gufasha ivyo bigo kuko abo bana usanga bakenera ivya nkenerwa bitandukanye.

  : Ibikorwa vyo gutunganya amatora biriko biracerwa Paul Ngarambe yigeze kurongora umurwi CENI ujejwe gutunganya amator...
05/12/2023

: Ibikorwa vyo gutunganya amatora biriko biracerwa

Paul Ngarambe yigeze kurongora umurwi CENI ujejwe gutunganya amatora abona ko ishirwaho ry'umurwi Ceni ryatevye uravye ibikorwa uwo murwi uhamagariwe gukora.
Uwo mwigisha muri kaminuza agahamagarira ababijejwe gushiraho umurwi Ceni kugira uje ku kivi kugira amatora azogende neza narirya uwahahora warangije ikiringo cawo

Ngarambe akemeza ko hari ivyihutirwa vyategrezwa kuba biriko biratunganywa ariko bitoroshe kuko hataraboneka abagize umurwi ujejwe gutunganya amatora yimirije

Uyo yahoze arongoye Ceni akabona ko hari ibishobora kudakorwa neza kuko ikiringo c’amatora kiriko kiregereza kandi ata murwi ujejwe amatora urashingwa ; amenyesha ko gushira ho uyo murwi vyategerezwa kwihutirwa

   : Umurwi ujejwe gutegura amatora ukwiye gushirwaho vuba.Umugambwe Uprona wemeza ko umurwi w'igihugu ujejwe gutegura a...
05/12/2023

: Umurwi ujejwe gutegura amatora ukwiye gushirwaho vuba.

Umugambwe Uprona wemeza ko umurwi w'igihugu ujejwe gutegura amatora warangije ikiringo cawo kuva muri myandagaro uyu mwaka turimwo 2023 none hakwiye gushirwa ho uwundi mu maguru masha kugira utegure amatora y'Abashingamateka ategekanijwe mu mwaka wa 2025.

Oliver Nkurunziza Umukuru w'uwo mugambwe asigura ko hamwe uwo murwi woteba gushirwa ho vyohava bitera ukutumvikana n'ukutizerana kuri bamwe n'abandi , akanemeza ko uwo murwi ushizwe ho kare vyotuma bamenyera ivyo bajejwe gukora.

Olivier Nkurunziza agasaba ashimitse ko aboba bagize umurwi mushasha utegura amatora bohurizwa ko n'impande zose kandi hagashirwa imbere ababishoboye.

05/12/2023

LE JOURNAL EN FRANCAIS DU 05.12.2023
MIDI

Address

Chaussee Prince Louis GWAGASORE
Bujumbura
5314BUJUMBURA

Opening Hours

Monday 06:00 - 23:00
Tuesday 06:00 - 23:00
Wednesday 06:00 - 23:00
Thursday 06:00 - 23:00
Friday 06:00 - 23:00
Saturday 06:00 - 23:00
Sunday 06:00 - 23:00

Telephone

+25769773594

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Bonesha Amakuru posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Bonesha Amakuru:

Videos

Share



You may also like