Rema TV Officiel

Rema TV Officiel Rema TV est une chaine de télévision généraliste basée au Burundi. elle promeut l'image positive du Burundi

06/10/2024

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 07 gushika kurya 08 Gitugutu hazoba i Bujumbura kukirimba c'Umukuru w'Igihugu i Kiriri ihuriro ry'abakenyezi b'imboneza kuncuro igira gatanu.

05/10/2024

Kuva kuwa 14/10/2024 hazotangura iyandikwa ry'abashaka kwinjira mugwego rw'ibisongerezi hamwe n'intwazangabo mugwego rwo kwivuna abansi.

05/10/2024

Kuruyu wa gatandatu niho hakorwa ikibazo co kwinjira mugwego rwo kwivuna abansi ku basirikare bo mu rwego rutoyi.

Mbega kwiga bibaye itegeko mu Burundi ubona harakarusho vyogira? Munama yatunganijwe mumugambi   yahuje abegwa n’isata c...
04/10/2024

Mbega kwiga bibaye itegeko mu Burundi ubona harakarusho vyogira? Munama yatunganijwe mumugambi yahuje abegwa n’isata c’indero yatunganijwe n'ishirahamwe Search kucivugo : ISHURE KAZOZA KANJE. Umwigisha akaba n’umushakashatsi muri Kaminuza y’uburundi avuga ko vyotorera umuti umurindi wo guheba amashure aho biboneka ko ibitigiri vy’abaheba biguma vyiyongera, bigafasha ko abavyeyi kwitwararika indero y’abana babo hamwe n’abana kwirinda ibibasamaza bituma baheba na cane cane ko iryo tegeko ryoba rishiraho ibihano kuwurirenzeko.
Mw'ishirahamwe ry'amashengero ya pentekoti muburundi nabo babona ko kwiga bibaye itegeko vyotuma leta abayifasha eka n'umwenegihugu wese baterera kugira umwana w'umurundi yige neza. Mubushikiranganji bw’indero barizera ko vyotuma abakenyezi n'abigeme bashobora kwiga ibisata vy'ubuhinga bikabashikana kw'iterambere.
Ntuciwe kandi n'ikiganiro Duhane Ijambo catunganijwe kuruyu wa gatandatu no kuw'Imana kumaradiyo 15 atandukanye. Muzogikurikirana kuruno wa gatandatu igihe c'isaha zitatu z'agatondo kuri Rema FM.







📷 :SFCG

02/10/2024

Inyuma yaho ikiza ca Marbourg cibonekeje mugihugu kibanyi c'Urwanda, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu no kugwanya SIDA bumenyesha ko hano mu Burundi ico kiza kitarahashika. Hano Lyduine Baradahana aramutswa ubwo bushiranganji aramenyesha ingingo zo kwirinda ico kiza.

Lumicash irabandanya kworohereza abafatanyabikorwa bayo. Nk'uko biri mu butumwa Lumicash yarungikiye abafatanyabikorwa b...
01/10/2024

Lumicash irabandanya kworohereza abafatanyabikorwa bayo.
Nk'uko biri mu butumwa Lumicash yarungikiye abafatanyabikorwa bayo, Lumicash imenyesha ko hazotangura irihishwa kuva kuwa 02/11/2024, rizotanguzwa n'akarusho kazomara amezi 6 kw'ihanahanwa ry'amafaranga hagati y'abafatanyabikorwa bayo abo bita aba agents n'aba Super Agents.
Kuva rero kuwa 02 Munyonyo uno mwaka hazotangura akarusho kazomara amezi atandatu, aho Kurungika hagati y'umu Agent n'uwundi mu Agent bizorihishwa 0,3% Nayo kurungika hagati y'umu Super Agent n'umu Agent atari rwiwe bizorihishwa 0,3% Kurungika amahera hagati y'umu Agent n'umu Super Agent atari wiwe bizorihishwa 0,3%.
Ubwo butumwa buvuga kandi ko inyuma y'amezi atandatu ivyo biciro bizoca bija kugice kimwe kw'ijana.
📱 Ubwo butumwa bwahawe abafatanyabikorwa ba Lumicash butomora ko kubijanye no kurungika hagati y'umu Super Agent n'umu Agent wiwe, hamwe no kurungika hagati y'umu Agent n'umu Super Agent wiwe eka mbere no kubikura kuri Lumicash, mw'Ibanki canke kw'ikonti ya Lumicash, ivyo bikorwa bizobandanya bikorwa kubuntu.

📞Tubajije muri Lumicash akarusho k'izo mpinyanyuro batwishuye ko bizotuma aba Agents bakora bisunze ivyo biyemeje igihe bemererwa gukora. Lumicash yibutsa kandi ko aba agents batariho kugira bahanahane amahera hagati yabo, ahubwo bariho kugira bafashe abenegihugu bakeneye guhanahana amahera.
📌Lumicash ikaba imenyesha ko ubu umuntu ashobora kuriha umuyagankuba wa Regideso biciye muri Lumicash kandi bikaba atamahera bimusaba kurenzako.
📢Vuba ngo hagiye kandi no gushirwaho uburyo bwo guhanahana amahera n'abari hanze y'igihugu. Ivyo vyose ngo bizotuma aba Super Agents n'aba Agents baronka uburusho bwisununuye.
💪Lumicash imenyesha ko aba Agents barenga 74000 aribo bari mugihugu ivyo bikaba vyatumye abantu batari bake baronka akazi.
📢 Lumicash imenyeshako atamu Agent azogira ikibazo co kuronka amafaranga kuko isanzwe ikorana n'ama Banki arenga 11 mu Burundi ariyo BGF, Finbank, CECM BCAB, Ucode, Mutec, DIFO, CRDB, KCB, BCB, Ecobank hamwe n'aba Super Agents 800 mugihugu cose.
Murashobora gusoma vyinshi muciye ngaha https://lumitel.bi/news/1727770174772


  ni indwara imwe mu ndwara nyinshi zitandukira iri m'umurwi w'indwara zica abantu benshi mw'isi izo nazo zikabonekera k...
01/10/2024

ni indwara imwe mu ndwara nyinshi zitandukira iri m'umurwi w'indwara zica abantu benshi mw'isi izo nazo zikabonekera kubana no kubakuze .
Muganga François NDIKUMWENAYO yanonosoye kuvura indwara zo mw'ihemero kubana n'abakuze harimwo n'Umusonga akorera kuri la Clinique du Bien Être/Kigobe Sud mugisagara ca Bujumbura amenyesha ko iyo ndwara ibonekera kuguhema nabi, agasigura ko umuntu yumva abura impwemu uko zirengana mumahaha ariko arahemuka yumva akajwi kameze nk'umwironge, uko vyugara cane akaza aracika n'intege akaza kandi arakorora.
Muganga NDIKUMWENAYO François agasigura kandi ko iyo ndwara ivurwa umuntu akabaho adafise ivyo bita amacrise,ibimenyetso bikareka kuguma vyibonekeza akoresheje imiti.
Umurwayi wa
ash*tse kwa muganga François NDIKUMWAENAYO amenyesha ko babanza kumupima kugira barabe ko arwaye Athsme hanyuma bamaze kubona ivyo bita crise arimwo babanza kuraba urugero agezeko kugira bamenye neza umuti bakwiranye .
Muganga agasigura ko kuva muri crise bitangura kuva mw'isaha muganga akimuha umuti canke mumasaha ane(4) bitandukanye n'abibaza ko bimara indwi canke ukwezi. Mugihe atavuye muri crise mumasaha 4 aba aheze Muganga aca abandanya kurondera ibituma umurwayi adahema neza ngo kuko ibituma abantu bahema nabi ari vyinshi.
Ubukurikira mukazokurikirana ukuntu umurwayi wa Athsme akwiriye gufata imiti abandanye agira amagara meza.


30/09/2024

Abagize umugwi ukorera kubuhinga ngurukanabumenyi witwa Umutekano w'Uburundi tuwubumbatire munyabune barifadikanije kuruno wa gatandatu n'abenegihugu bo muri Gikungu - Rural mubikorwa vy'iterambere rusangi.

29/09/2024

Abagize umugwi ukorera kubuhinga ngurukanabumenyi witwa Umutekano w'Uburundi tuwubumbatire twese munyabune, barahimbaje kuruno wa gatandatu isabukuru y'imyaka 10 irangiye uwo mugwi ukora.

29/09/2024

Abaganga b'abahinga ngo bagiye kuza barasanga abagwayi hagati mugihugu kugira babapfunyirize urugendo kuko vyagaragaye ko benshi muri abo baganga bagwiriye i Bujumbura.

Bamwe mu bakenyezi bari mu mashirahamwe yo kwiteza imbere bamenyesha ko ata makuru akwiye bafise ku bijanye no kumenya i...
28/09/2024

Bamwe mu bakenyezi bari mu mashirahamwe yo kwiteza imbere bamenyesha ko ata makuru akwiye bafise ku bijanye no kumenya ibiri mu mugambi w’imbona kazoza, w’igihugu cifahe mu mwaka w’2040 n’igihugu giteye imbere mu mwaka w’2060. Mbega hakorwe iki kugira baronke ayo makuru? Wipfuza kumenya vyinshi, kurikira ikiganiro Urunani mu butunzi ca Studio ijambo ifadikanije n'ama radio 15 ari mu mugambi je 'nawe mw'iterambere wa SFCG.
Isango ni kuri uyu w' Imana igihe c'isaha zitatu z'agatondo kuri Rema FM.

Mbega abakenyezi n’urwaruka bakora urudandazwa barafise amakuru akwiye y’ingene bashobora guterera Kugira dushike ku Mbo...
27/09/2024

Mbega abakenyezi n’urwaruka bakora urudandazwa barafise amakuru akwiye y’ingene bashobora guterera Kugira dushike ku Mbonakazoza y'Uburundi bwifashe muri 2040, Igihugu giteyimbere muri 2060 ? Ido n’ido ni mukiganiro Duhane Ijambo Mutegurirwa mugashikirizwa na Studio Ijambo , igisata co kumenyeshamakuru c’ishirahamwe Search for common Ground mu Burundi. Ico kiganiro kizoca kunsamirizi Rema FM kuruno wa gatandatu igihe c'isaha zitatu z'agatondo. Inyuma y'ikiganiro murashobora kwakura mugatanga intererano zanyu kuvyo mwumvise kuri 66272727. Kaze dusangire Ijambo 🎙️

26/09/2024

Kuri uno wa gatatu Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yaruguruye inyubakwa zitandukanye muntara ya Rumonge.

Umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi uhamagarira abejejwe intwaro mu ntara gutegura abarundi kuvuga ukuri...
25/09/2024

Umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi uhamagarira abejejwe intwaro mu ntara gutegura abarundi kuvuga ukuri ku vyo bazi ku matati y'amatongo n'ayandi matungo. Mu kiganiro uwo mugwi watunganije kuri ba buramatari kuri uyu wa gatatu i Gitega, Pierre Claver Ndayicariye awurongoye avuga ko hagiye gushigwaho abawuserukira mu ntara.
🎙️ Pierre Claver Ndayicariye asaba kandi abarongoye intara gusigurira abenegihugu amabanga mashasha umugwi CVR uherutse kuronswa ajanye n'ibibazo vy'amatongo n'ayandi matungo yanyazwe mu bihe vy'amagume.
Uwurongoye CVR ahamagarira kandi ba buramatari guhimiriza abo barongoye kuvuga ukuri batarya umunwa badatinya igitsure.
📷:CVR

24/09/2024

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yahaye inyigisho zo kuzirikana no gukundisha igihugu indongozi ziva muntara ya Bujumbura yagutse.

Haratangujwe kuri uno wa mbere i Bujumbura isabukuru y'amareresi yataziriwe   kuncuro igira kabiri. Abimana Chançard aro...
24/09/2024

Haratangujwe kuri uno wa mbere i Bujumbura isabukuru y'amareresi yataziriwe kuncuro igira kabiri. Abimana Chançard arongoye ishirahamwe Impact ritunganya iyo sabukuru yamenyesheje ko ari akaryo ko gushira ahabona impano zitandukanye z'urwaruka rw'abarundi eka mbere n'abo mu karere mubijanye n'amareresi. Mukiringo iyo sabukuru izoba iriko iraba ngo hazokwerekanwa ingene urwaruka rw'uburundi hamwe n'abakenyezi bariko bakora imigambi yo kwitezimbere imbere.
Chançard Abimana avuga kandi ko kurorera y'amareresi yakozwe n'abarundi n'abanyamahanga hongere habe n'ibiyago bitandukanye.
Iryo sabukuru rikazorangira kuwa 27 Nyakanga rikaba ririko ribera mw'ihoteri source du Nil i Bujumbura

24/09/2024

Umushikiranganji w'abakozi n'akazi Venuste Muyabaga arasigura ibiriko birakorwa mugukosora ikibazo c'abakozi bahembwa batabaho.

🔴Ikiringo co kwisansumisha congerejwe gushika kumusi wa gatanu w'indwi iza igenekerezo rya 27 Nyakanga uno mwaka. 📌Mugih...
22/09/2024

🔴Ikiringo co kwisansumisha congerejwe gushika kumusi wa gatanu w'indwi iza igenekerezo rya 27 Nyakanga uno mwaka.
📌Mugihe vyari bitegekanijwe ko ibikorwa vya rusansuma nyezina y'abanyagihugu uburaro, uburimyi n'ubworozi birangira kuruno wa mungu, urwego rujejwe guha intumbero ibikorwa vya rusansuma rwongereje imisi yo kurangura ico gikorwa.
🎙️ Nk'uko bimenyesha na Nicolas Ndayishimiye umunyamabanga w'urwo rwego ngo ibice bigera kuri 98,4% vy'ingo nizo zari zimaze gusasumwa. Avuga kandi ko Intara ya Buhumuza ariyo iza imbere mubiharuro aho igeze kuri 99,7% vy'ingo zimaze gusansumwa, nayo intara iza ubwanyuma akaba ari Bujumbura kubice 96,2%.
Urwo rwego rufatiye kukamo k'umukuru w'igihugu aho yahimirije ubugira kandi abarundi n'abanyamahanga baba mu Burundi kwitabira atawuvuyemwo ibikorwa vya rusansuma nyezina, rwaciye rufata ingingo yo kwongereza ikiringo co kwisansumisha gushika kuwa 27 Nyakanga.
Nicolas Ndayishimiye arongoye ibiro bikuru vya rusansuma amenyesha ko abahejeje gukora rusansuma boca bisuganya bagasubiza ibikoresho vya rusansuma bariko barakoresha.


🕊️Kuwa 21 Nyakanga ni umusi mpuzamakungu wahariwe   🕊️ 🔴 Ngo ''Iterambere niyo nsiguro nshasha y’amahoro. ''Mbega nawe n...
20/09/2024

🕊️Kuwa 21 Nyakanga ni umusi mpuzamakungu wahariwe 🕊️
🔴 Ngo ''Iterambere niyo nsiguro nshasha y’amahoro. ''Mbega nawe ni ko ubibona?
❓Ni gute Umukenyezi ariko ariteza imbere afasha mu gutsimbataza amahoro?
🎙️Studio Ijambo yahaye akanya abenegihugu bari mumihingo itandukanye, amashirahamwe yigenga, ayaharanira agateka k’abakenyezi, abakenyezi ubwabo, abari mw’ihuriro ry’abakenyezi eka n’abahinga mubijanye no kwigisha amahoro n’iterambere.
📻Ido n'ido ni mukiganiro ca igisata co kumenyesha amakuru ca Search for Common Ground Burundi co kuri uyu wa gatandatu igihe c'isaha zitatu z'agatondo kuri Rema FM.
Inyuma y'ikiganiro murashobora kwakura mugatanga intererano zanyu kuvyo mwumvise mukiganiro kuri 66272727.
Kaze dusangire Ijambo 🎙️

20/09/2024

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye aragaruka kunyifato yaranze abantu bamwe bamwe inyuma yaho igitoro kibonekeye kubwinshi. Mur'abo harimwo abatwara imiduga yunguruza abantu.

20/09/2024


Kurikira ico Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije kubijanye n'ihinduka ry'igiciro c'isukari ya Sosumo riherutse kuba.

Umushikiranganji wambere wa Leta y'uburundi Gervais Ndirakobuca ahamagarira abanyagihugu bose batarinsansumisha cane can...
20/09/2024

Umushikiranganji wambere wa Leta y'uburundi Gervais Ndirakobuca ahamagarira abanyagihugu bose batarinsansumisha cane cane ababa mugisagara ca Bujumbura kunyaruka kwisansumisha ikiringo cagenewe ico gikorwa kitararangira. Gervais Ndirakobuca yabishikirije kuruno wa gatanu inyuma yaho yarahejeje kwisansumisha. Umushikiranganji wambere akavuga ko bibabaje kubona haribice bimwe bimwe vyo mugisagara ca Bujumbura ico gikorwa kikiri musi y'ibice 60%, ngo hari naho abajejwe gukora rusansuma bigorana ko binjira mumpangu. Gervais Ndirakobuca akaba yibukije ko ibiharuro bizova muri Rusansuma arivyo Leta izokwisunga mu gutegura imigambi y'iterambere.
Gervais Ndirakobuca akaba yamenyesheje ko ingaruka mbi zitazobura kumuntu wese atazisansumisha. Avuga ko uwutazisansumisha hariho ibintu bimwe bimwe bizogorana ko abironka. Umushikiranganji wambere wa Leta y'uburundi Gervais Ndirakobuca ari nawe arongoye umugwi ujejwe guha intumbero ibikorwa vya rusansuma akaba yamenyesheje ko iyo rusansuma izorangira kuruno wa 22 Nyakanga uno mwaka igihe c'isaha 12 z'umugoroba.

Igihugu c'ubushinwa kigiye kwubaka inyubako igezweho igeretse 11 izokoreramwo ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo imi...
19/09/2024

Igihugu c'ubushinwa kigiye kwubaka inyubako igezweho igeretse 11 izokoreramwo ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo imigenderanire n'ayandi makungu.
🔴Kuri uno wa kane, ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo imigenderanire n'ayandi makungu buri kumwe n'ubuserukizi bw'igihugu c'ubushinwa mu 🇧🇮 bashize umukono ku masezerano y'ingabire igihugu c'ubushinwa cahaye Uburundi.
🎙️ Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo imigenderanire Albert Shingiro akaba yamenyesheje ko iyo nyubakwa izoba igeretse cumi na rimwe kandi ko izoshikirizwa ifise ivyangombwa vyose. Albert Shingiro yamenyesheje kandi ko iyo nyubakwa izotwara hafi imiliyoni 28 z'amadorare ikazokwubakwa kumugwa mukuru wa Politike i Gitega.
🙏Umushikiranganji Albert Shingiro akaba yashimiye igihugu c'ubushinwa kuriyo ngabire ngo kuko ari ikimenyetso c'imigenderanire myiza iri hagati y'uburundi n'Ubushinwa.
🔴 Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu akaba kandi yateye umukono ku masezerano y'ishigwa mu ngiro y'umugambi ufashwe mumugongo n'igihugu c'ubuhindi uzofasha guteza imbere imigambi y'urwaruka. Uwo mugambi ukaba uzoshigwa mungiro n'igisata ca ONU kiraba igwirirana ry'abantu FNUAP ngaha mu 🇧🇮


🔴Abarundi bashaka kwinjira muri Bénin bagiye kworoherwa.🔴 Inama nshingamateka y'Uburundi kuri uyu wa gatatu yemeje integ...
18/09/2024

🔴Abarundi bashaka kwinjira muri Bénin bagiye kworoherwa.
🔴 Inama nshingamateka y'Uburundi kuri uyu wa gatatu yemeje integuro y'ibwirizwa ryerekeye amasezerano hagati y'Uburundi na Benin akuraho Visa ku benegihugu b'ivyo bihugu bafise impapuro z'inzira z'iteka, iz'akazi hamwe n'izisanzwe mugihe bashatse kugendera muri kimwe murivyo bihugu.
🎙️ Albert Shingiro umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo imigenderanire n'ayandi makungu akaba yamenyesheje ko ayo masezerano agamije gutsimbataza imigenderanire hagati ya Benin n'uburundi.
🎙️ Ayo masezerano ngo afise kandi intumbero yo gukomeza imigenderanire ishimikiye k'ubutunzi (Diplomatie économique)
Albert Shingiro yamenyesheje kandi ko ayo masezerano agamije gushira mungiro imbonakazoza y'igihugu cifashe muri 2040 kandi giteye imbere muri 2060 kuko atagihugu cotera imbere kidafise abagenzi benshi.
Inyuma yo guca hirya no hino iyo nteguro y'ibwirizwa, abashingamateka bakaba bahavuye bayemeza.


18/09/2024

Munyigisho zo gukundisha igihugu zatanzwe kuri uyu wa kabiri mu ntara ya Gitega n'umukuru w'igihugu kundongozi ziva muntara ya Gitega yagutse, Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye yaragarutse kucatumye umugwa mukuru wa Politike uba mu ntara ya Gitega, hamwe n'icatumye intara z'igihugu zigabanuka.

Address

Kigobe
Bujumbura
7268

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Rema TV Officiel posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Videos

Share

Category

Nearby media companies


Other TV Channels in Bujumbura

Show All