15/01/2025
«Akaranda ni indwara ibabaza cane, mbere utevye kuja kwa muganga urashobora gupfa»_ COUSP!
----------
Ikigo c'Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu no kugwanya [COUSP] kijejwe guhangana n'indwara z'ibiza kivuga ko indwara y'akaranda MPOX ibabaza. Ariko ngo irashobora gutuzwa nka kurya ikiza ca catujijwe.
Ariko kugirango bikunde hari ikintu nyamukuru abenegihugu basabwa. Gushira inguvu hamwe mu gukurikiza ingingo zo kwikingira ico kiza_ harimwo gukaraba iminwe kenshi gashoboka hakoreshejwe amazi meza n'isabune no kwirinda kuramukanya bakorana mu minwe, guhobera canke gusomana.
Ku munsi ugira gatatu, ikigo COUSP kiriko kizunguruka mu bice bitandukanye vy'igisagara ca mu ntumbero yo guhimiriza abenegihugu kwikingira ico kiza _ biraboneka ko abenegihgu basa n'abari bijajanye.
Nico gituma basabwe kudatezura, bakamera magabo mu guhangana n'ako karanda bagakurikiza amabwiriza yo kwikingira. 👉https://www.facebook.com/100063862699632/posts/1108112037994209/?app=fbl
Ngo bitagenze uko, ako karanda karashobora kwiha inkumbi.
«Ako karanda ni indwara ibabaza cane mbere utevye kuja kwa muganga urashobora gupfa». Umuti ngo ni ukwikingira. Uwo bish*tse nawe akibonako ibimenyetso asabwa kunyarukira kw'ivuriro rimwegereye.
Aho COUSP yaciye, kuri uwu wa 15/1/2025, nko mu masoko ya , , , ku gituro c'imiduga zija hagati mu gihugu ca , bagenda basemerera bakoresheje vya vyuma bishikana amajwi kure ko akaranda MPOX ataho karoye.
Wiketse ja kwa muganga!
-------
Bamwe mu benegihugu bashatse kumenya nimba umuntu yibonyeko ibiherehere, bimwe basanzwe bita mbandakara ko yoca abona ko ari ako karanda.
Kuri ico kibazo muri COUSP bati wibonyeko ikimenyetso ja kwa muganga nibo bonyene baheza bakamenya ko ari yo canke atari yo.
Musomyi aho uherereye urakurikiza amabwirizwa yo kwikingira ako karanda?