Elicomag

Elicomag Economie
Science
Technologie
Entreprenueriat

⭕Kuber'iki abarundi badakunda ibintu bihinguriwe I Burundi bakanabigura?  ⭕lntambamyi yambere abantu bitunganiriza imiga...
12/01/2025

⭕Kuber'iki abarundi badakunda ibintu bihinguriwe I Burundi bakanabigura? ⭕

lntambamyi yambere abantu bitunganiriza imigambi bahura nayo ni ikibano c'abarundi benewacu kuko biragoye k'umurundi akwizera akagushorera ikintu wakoze n'amaboko mbere atuma aja kukigurira mu mangazine y'abataliano ku mafranga 300.000F

🔰👉 Nkuko twavyiganiwe na Alphonsine Irakoze, umwe mu rwaruka rwaruka akaba n'umukobwa yitunganiriza imigambi akaba anarongoye uruganda collection ruhingura amasakoshi canke à main z'abakobwa n'abavyeyi b'igitsina gore, ngo mu rugendo rwo gush*tsa indoto zabo zo gutera imbere bafise intambwmyi nyinshi.

🔰👉lruhande y'ikibano kititaho ivyo bakora, Alphonsine lrakoze amenyesha ko bahura n'intambamyi zo kuronka uburyo bwo kugura ibikoresho kuko nka vyose usanga bigurirwa hanze agira ati: " Ndashobora kuronka ibikoresho nkoramwo amasakoshi vyaba canke ibipfungo, rimwe mukwezi kandi ntamuntu n'umwe abidandaza aha I Burundi kuko vyose ndabikura hanze ivyo rero usanga bigorana cane kuko na machine zokora neza.

🔰👉Naho biruko Alphonsine lrakoze arashima cane ko harintamvwe amaze gutera kuko amaze kuronka ivyo akora iyo yavyutse kandi ngo naho amafranga ataraza arizeye kuzogera kw'iterambere rirama.



https://youtu.be/qMEXGEydE-I?si=vbQpGLzme2lbiLTEUBUNDI BUTARE MU NTARA YA MUYINGA Ntucikwe...Fyonda *SUBSCRIBE* na *NOTI...
10/01/2025

https://youtu.be/qMEXGEydE-I?si=vbQpGLzme2lbiLTE

UBUNDI BUTARE MU NTARA YA MUYINGA

Ntucikwe...

Fyonda *SUBSCRIBE* na *NOTIFICATION* Kuri YouTube channel *ELICOMAG TV* ubandanye umenya bishasha

Umukuru w'igihugu Evariste NDAYISHIMIYE yagendeye societé SOTEB iriko iracukura ubutare mu ntara ya Muyinga ,Commune Butihindaitoni 30 mu karere ka kilometer...

⭕Anagessa yatanguye kugurisha intete z'ibigori ku badandaza, aborozi n'abipfuza kubihingura ⭕lgiciro c'amafaranga agera ...
09/01/2025

⭕Anagessa yatanguye kugurisha intete z'ibigori ku badandaza, aborozi n'abipfuza kubihingura ⭕

lgiciro c'amafaranga agera kuri 2.300 Fbu ku kiro, nico ikigo kiriko kiragurishako umwimbu w'intete z'ibigori vyumye ku badandaza, aborozi n'abandi bipfuza guhingura uwo mwimbu, nkuko tubisoma mu rwandiko

Nkuko tubisoma mu rwandiko rwashizweko umukono w'umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi no gukingira ibidukikije ryo kuri uyu wa 8/1/2025, abantu bose baba abadandaza, aborozi canke abandi bipfuza guhingura uwo mwimbu bahamagarirwa kubandanya kwimenyekanisha mu kigo Anagessa.


🔰👉 Muri urwo rwandiko nyene, bamenyesha ko abadandaza bipfuza kugura uwo mwimbu babwa gushika ku biro vy'ikigo Anagessa biri i (Quartier Bwoga ya mbere, munsi y'ikigo Paeej-Burundi), kugira baronswe inyishu y'ikete banditse risaba uwo mwimbu, bongere bamenyeshwe urugero rw'ibigori azogura uko rungana, hamwe n'ikibanza ategerezwa kubitoramwo

🔰👉Umwimbu w'intete z'ibigori urenga amatoni 70.000, ukaba uri mu bubiko bw'ikigo ariko ko muri wa mugambi w'umukuru w'igihugu w'uko "Umunwa wose uronka ivyo ufungura nayo umufuko wose ukaronka amafranga" arico catumye uwo mwimbu w'umudesekara uriko urasubizwa kw'isoko.


⭕Igiturire: Ishirahamwe   risaba reta gushiraho umugambi urama wo kugwana ingwano y'igiturire mu Burundi   ⭕lgiturire ni...
09/01/2025

⭕Igiturire: Ishirahamwe risaba reta gushiraho umugambi urama wo kugwana ingwano y'igiturire mu Burundi ⭕

lgiturire ni ingwano ikomeye kandi iterambere ntiryokunda igiturire kikimeze nkuko kiri uyu musi, ivyo bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirshamwe ryishinze gukangurira abarundi guca urwevu no guhindura ingendo kuri uyu wa 9/01/2025 inyuma y'aho umukuru w'igihugu c'uburundi .E Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko umwaka wa 2025 ari uwo kurwanya igiturire.

🔰👉Kubwa Faustin Ndikumana, igiturire n'ingwano kandi nta ngwano itagira umugambi uteguwe neza wo kuyigwana. Nico gituma uwo muhinga asaba reta gutegura ibigwanisho bikwiye vyo guhangana n'igiturire.

🔰👉Igikenewe rero ngo ni ugushiraho ukugambi wo kurwanya igiturire kandi ukaja urasuzumwa, gushiraho amategeko meza hamwe n'inzego zikomeye zo kukigwanya atiko kandi hakabaho ivyo kwerekana amatungo ku bakozi bakuru bakuru binjira canke basohoka mu mabanga y'igihugu kugira hagwizwe ivyo gukorera mu muco.

🔰👉Faustin Ndikumana amenyesha ko hamwe ivyo vyokwirengagizwa n'utwigoro twose two gushika ku mbonakazoza twoba impfagusa.



⭕Umukuru w'igihugu c'uburundi ahejeje kubogoza bamwe mu bakozi bakora ku mu biro vy'umukuru w'igihugu ⭕Gucafuza ishusho ...
09/01/2025

⭕Umukuru w'igihugu c'uburundi ahejeje kubogoza bamwe mu bakozi bakora ku mu biro vy'umukuru w'igihugu ⭕

Gucafuza ishusho y'Umukuru w'igihugu hamwe n'ubuhemu mu kurekura inkozi z'ikibi zitari ku rutonde rw'abanyororo bemerewe kurekurwa kubera ikigongwe c'umukuru w'igihugu nivyo vyatumye bamwe mu abakuru bo mu mu biro vy'umukuru w'igihugu bahejeje gukurwa mu mabanga. Abo nabo ni:

🔰👉Baribonekeza Jean Baptiste arongoye ibiro biraba ibijanye n'ubutungane n'intwaro mu biro vy'umukuru w'igihugu

🔰👉Sibomana Cyrille arongoye igisata co gutunganya amategeko

🔰👉Harerimana Arcade, umuhanuzi muri ivyo biro vy'umukuru w'igihugu

Bikaba biri mw'itegeko ryateweko umukono n'umukuru w'igihugu c'uburundi kuri uyu wa 9/1/2025 I Gitega rimenyesha ikurwa ryabo.

🔰👉Ivyo bibaye nk'ishirwa mu ngiro ry'ingingo yo guhana inyuma y'igabishwa umukuru w'igihugu Ndayishimiye yari yahaye abagize reta harimwo n'abahanuzi biwe mu kiyago yari yahaye abarundi bose kuwa 26/12/2024 imisi mikeyi imbere y'uko umwaka mushasha utangura.

🔰👉Imbere yaho ikigongwe c'umukuru w'igihigu kikaba cari cahawe abanyororo bagera kuri 5000 bagirizwa ivyaha bitobito ariko irekurwa ryabo rikarangwamwo amanyanga yatuma abari kurekurwa ataribo barekuwe.



⭕Muhungu nawe mukobwa wa kino gihe wari bwabimenye?  ⭕Baba Prince 🤴 bahora baza baje ku ndogoba baje gutora umugeni w'um...
09/01/2025

⭕Muhungu nawe mukobwa wa kino gihe wari bwabimenye? ⭕

Baba Prince 🤴 bahora baza baje ku ndogoba baje gutora umugeni w'umukobwa nk'umu Princesse👸 ngo ubu barabuze ntibakiza sinzicobabaye ahubwo ubu abaza bose babaza ico umukobwa ashoboye kuzinziriza umuryango.

👉Ni ibivugwa na Alphonsine lrakoze, umwigeme yahisemwo umwuga wo gukora ama canke à main z'abigeme n'abakenyezi yabituyagiye kuwa 08/01/2025 I Bujumbura.

🔰👉Uwo mwigeme agira ati:" Jewe ndakunda kubona umuntu aberewe cane cane abadamu,kuko nigeze kuba ncuruza impuzu ariko iyo mbonye isakoshi narakunda kuraba ukuntu ikoze n'ibiyigize nca nipfuza nanje kuba nocuruza akantu nikoreye nyene kandi narakoze naho nakora ubwambere nkabona vyanse narabandanije munyuma birakunda"

🔰👉Irakoze Alphonsine amenyesha ko afise umwanya ukwiye wo gukora akazi kiwe ariko ibijanye n'imitahe aha mu Burundi ntivyoroshe. Agira ati:" Aha muburundi ivy'imitahe biragoye, bisaba gutubika umukanda ukiyima kuko iyo ufise umugambi, s'abantu benshi baca bizerera mu mugambi wawe, bisaba kubanza kugira ikintu ukoze hanyuma hakagira umuntu umwe canke babiri bizerera mu mugambi kandi igihe niyima nkora naratinze ndabona ko utwo nakora tumpa umusaruro"

🔰👉Uyu musi Umwigeme Alphonsine afise indoto bita iz'ibisazi zo kubona mu 🇧🇮 -Africa no muri tudakoresha gusa ibintu biva mu Bulayi canke mu bushinwa gusa ahubwo zaba impuzu, ibirato, ibikoresho vyo munzu, amasakoshi n'ibindi bikorerwa ahiwacu vyitwa in Burundi ukayisanga mu Rwanda, Tanzania, Chine n'ahandi. Ariko akagira inzozi zo kubona à main zikororwa n'uruganda rwa collection zimurika muri Afrika no kw'isi yose.

🔰👉Afise kandi ihangiro ryo guteza imbere abandi nacane cane abakenyezi n'abigeme kuko usanga abobantu bikengera cane. Akipfuza ko umugambi wiwe wotera imbere igafasha kwivuna inzara no kuyivuna abandi.

🔰👉Alphonsine lrakoze asaba abanyamitahe kumuhunda imigisha n'amafranga kugira abandanye akora imigambi yiwe kugira ivyakora bize bigire uruhara rukomeye mw'iterambere ry'uburundi bwifashe muri 2040, n'igihugu giteye imbere muri 2060.

🎤🎤Wumva uyu mwigeme ataruwo gushigikirwa??



⭕Mwebwe mwese abakurikira runo rubuga rwa  , ni igiki mwakuze mwumva bavuga kuri ibi bintu? Mbega iwanyu muvyita ngw'iki...
08/01/2025

⭕Mwebwe mwese abakurikira runo rubuga rwa , ni igiki mwakuze mwumva bavuga kuri ibi bintu? Mbega iwanyu muvyita ngw'iki?⭕

⭕Ivy'ama ligala vyaviriwe hasi muri uyu mwaka wa 2025   ⭕Ba musitanteri ni batore indimo zizorimishwamwo abantu bose baz...
07/01/2025

⭕Ivy'ama ligala vyaviriwe hasi muri uyu mwaka wa 2025 ⭕

Ba musitanteri ni batore indimo zizorimishwamwo abantu bose bazofatwa bari ku maligala kandi bazokora badahembwa, ivyo ni ivyasabwe n'umukuru w'igihugu c'uburundi Ndayishimiye mu rugendo yagize rwo kugendera abagwizamwimbu bo mu bisata vyimba ubutare hamwe nabakora uburimyi muntara za na Gitega kuri uyu wa 06/1/2025.

🔰👉 Mu bisata vy'abimba ubutare, umukuru w'igihugu yagendeye agace ka muri komine intara ya hasanzwe himbwa ubutare bwitwa bikozwe na koperative Light. Umukuru w'igihugu akaba yasavye ikigo gishinzwe igasata c'ubutare mu Burundi gusubiramwo amasezerano cagiranye n'amakoperative

🔰👉Umukuru w'igihugu c'uburundi akaba yaciye abandaniriza urugendo rwiwe I #
makebuko mu ntara ya kugira arabe aho ibikorwa vyo kwubaka izine yo guhingura amakaro hamwe n'amabuye yo gushariza akorwa na Africa Drilling and Granite bigeze.

🔰👉Muri izo ngendo zose umukuru w'igihugu akaba yasavye urwaruka n'abarundi bose muri rusangi kwirinda ivyitwa amaligala vyose no gukora akazi.

Mwomenya ko uyu mwaka wa 2025, ari umwaka w'urufatiro rw'imbonakazoza y'igihugu cifashe muri 2040, n'igihugu giteye imbere muri 2060, ukaba witiriwe umwaka w'umwete.

lsoko:Ntare House



⭕Ubona hamwe akazi ufise kohera woca ubaho gute?  ⭕Umukuru w'igihugu ati:" Abakozi bose baba abakorera reta canke abakor...
06/01/2025

⭕Ubona hamwe akazi ufise kohera woca ubaho gute? ⭕

Umukuru w'igihugu ati:" Abakozi bose baba abakorera reta canke abakorera amashirahamwe y'abikorera ivyabo bakwiye kubaza ikibazo kigira kiti: Mbega hamwe akazi mfise kohera noca mbaho gute?. Uramutse usanze ikirato coca gihengama utosubira kuronka ikindi uce ukura amaboko mumpuzu ukore "

Hari mw'ijambo yashikirije abarundi mu mpera z'umwaka wa 2024 no mu ntango z'umwaka wa 2025.

📌Bwaba uburimyi n'ubworozi canke ibiva mu burovyi, vyaba ibikorwa biva mu bwonko bwacu, vyaba ubudandaji canke ibikorwa vy'ingenzi hamwe no guhingura itunga k**a ngo nta murundi yobura icakora muri ivyo vyose.

🎤🎤wewe wahisemwo iki kikuzanira intungu?



⭕Mwari muzi ko kurya wihuta bifise ingaruka mbi ku mubiri?  ⭕Hari abantu usanga baciga mumashure y'indaro canke nubu mu ...
06/01/2025

⭕Mwari muzi ko kurya wihuta bifise ingaruka mbi ku mubiri? ⭕

Hari abantu usanga baciga mumashure y'indaro canke nubu mu mihana iwabo badashobora kumara iminota 10 bariko barafungura, aho ni mugihe bamwe mubahinga boba basaba ko umuntu yoshobora guhekenya imfungurwa incuro 32 nkuko umuntu akuze afise amenyo ahuye n'ico gitigiri.

🔰👉Ubushakashatsi muvy'amagara y'abantu, bwerekana ko iyo umuntu ariye cane anyaraguritsa bishobora kubangamira ubuzima bwiwe na cane cane umushish*to wiwe.

🔰👉Dr Gérald Kierzek umuyobozi mukuru w'urubuga ngurukanabumenyi akaba n'umuvuzi mw'ivuriro ryitiriwe -Dieu de Paris mu gihugu ca mbere akaba ari n'umumenyeshamakuru, arerekana ingaruka mbi zo kurya unyaraguritsa kandi mu mwanya muto:

📌Iyo urya wihuta cane ngo bituma urya vyinshi mu mwanya muto bigatuma ushobora kuvyibuha cane ugasesa inda.

📌 Iyo urya cane kandi unyaraguritsa usanga wapfuye kuvunagurirayo ibidahekenye neza ugaca wumva umenga urahaze habaye ivyitwa kwuzura inda (ballonnements) maze umushish*to ukaca ugorwa no kunanirwa gusya imfungurwa bikanawutera kuzogwara.

📌Umuntu arya cane yihuta kandi ngo arashobora guhekenya ururimi naho bidakunda gushika cane.

🔰👉Muganga Gérald Kierzek, agasaba abantu bose ko bofungura ku murindi mutomuto batora bike bike bahekenya hanyuma bakamira.

🔰👉Uwo muhinga arasaba kandi ko abantu bofata umwanya wo kwiyumvira ivyo baja gufungura hanyuma birinde kurya bahagaritse umutima .

🔰👉Abantu kandi ngo bofungura binovora ivyo bafungura kuko muri vyose gufungura bisanzwe bitera umunezero muri vyose.

Iyo mpanuro iruko kuko vyose bigirwa n'amagara, ntawushobora gukora ngo azane iterambere atabanje gufungura neza uko bikwiye. (https://doctissimo.fr/nutrition/)



⭕Abarundi bazoba baramba cane muri 2060 ⭕imyaka abarundi bazohora bamara kuva bakivuka izoba ari 64 muri 2040 yongere yi...
06/01/2025

⭕Abarundi bazoba baramba cane muri 2060 ⭕

imyaka abarundi bazohora bamara kuva bakivuka izoba ari 64 muri 2040 yongere yigwize mpaka ibaye 80 muri 2060

👉Ivyo biri mu nteguro y'igitabo kidonda uko uburundi buzoba bumeze igihe ya mbonakazoza y'Uburundi igihugu cifashe muri 2040 n'igihugu giteye imbere muri 2060 izoba imaze gushirwa mu ngiro.

🔰Bimwe mu bigize iyo mbonakazoza akaba ari inkingi zitanu (cinq pilliers) arizo:

👉 lvyo reta yiyemeje
👉Ugutunganya nza ibijanye n'ubutunzi
👉Kurondera ineza ya bose
👉lbidukikije n'itunga k**a rirama
👉Ugufashanya neza

🔰👉Mwomenya ko izo nkingi uko ari zitanu ziherekejwe n'amahangiro 22
( 22 objectifs) igihugu cifuza kugerako.

🎤🎤Musomyi nikihe cizere ufitiye iyo mbonakazoza??



05/01/2025

2025:Urufatiro rw'imbonakazoza y'igihugu cifashe muri 2040 n'igihugu giteye imbere muri 2060.Utegekanya
iki mu myaka15 isigaye?

⭕Makamba: Hariho abakena kubera banywa inzoga nyinshi   ⭕Ubukene abarundi barimwo, uburongozi bw'umugambwe uri ku butege...
03/01/2025

⭕Makamba: Hariho abakena kubera banywa inzoga nyinshi ⭕

Ubukene abarundi barimwo, uburongozi bw'umugambwe uri ku butegetsi na reta iwukomokako barabuzi kuko nabo ntibaba mu kirere baba kw'isi, ivyo bishikirizwa na Reverien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w'umugambwe uri ku butegetsi kuru uyu wa 03/01/2025 mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku kibuga c'umupira w'amaguru mu ntara nshasha ya Burunga.

🔰👉Ariko rero ngo bisaba kuraba ico ubwo bukene buvako ivyo bikwiye kwihwezwa neza agira ati:" urashobora gukena kubera utari kukivu, urashobora gukena kubera udakora, urashobora gukena kubera unwa inzoga nyinshi"

🔰👉Naho bir'uko, umunyamabanga mukuru w'umugambwe uri ku butegetsi ashikiriza ko hari abasigaye bashima kuko iyo bimbuye ibigori bakabigurisha bakuramwo igituma bambara neza ariko kare ikiro c'ibigori cahora kiri kuri make.



⭕Hokorwa iki kugira uburundi bushore vyinshi hanze?  ⭕Birababaje kubona mu masoko yose no mumaduka yo mu Burundi huzuyem...
03/01/2025

⭕Hokorwa iki kugira uburundi bushore vyinshi hanze? ⭕

Birababaje kubona mu masoko yose no mumaduka yo mu Burundi huzuyemwo ibintu vyinshi biva hanze y'igihugu kandi harimwo nivyo uburundi bwoshobora kwihingurira, ivyo bishikirizwa n'umukuru w'igihugu c'uburundi Ndayishimiye mw'ijambo rirangiza umwaka yashikirije abarundi n'amakungu buca umwaka wa 2025 utangura.

🔰👉Ibiharuro bitangwa n'ikigo kijejwe kwegeranya amakori n'amatagisi vyerekana ko mu mwaka wa 2024, uburundi bwashoreye hanze ibintu biciye imiriyoni zirenga gato 80 [80.350.061 BIF] ariko ivyo uburundi bwaguriye hanze yabwo biciye amafranga arenga umuriyaridi umwe [1.827.031.400 BIF].

🔰👉Nkuko umukuru w'igihugu yamenyesheje kandi muri ivyo vyaguriwe hanze y'igihugu, ivyo kwinezereza nivyo vyabaye vyinshi cane .

🔰👉 Umukuru w'igihugu c'uburundi agasaba abarundi bose guhagurukira ibikorwa kugira umuntu wese aronke umwidegemvyo mu vy'ubutunzi yaba uwukorera reta canke ari uwukorera amashirahamwe canke abakora ivyabo.



⭕lnyuma y'ikiringo cahawe abatangakori bose bagagaje kuriha amakori, reta yarafashe amakonti yabo kandi yaramaze kwiha i...
02/01/2025

⭕lnyuma y'ikiringo cahawe abatangakori bose bagagaje kuriha amakori, reta yarafashe amakonti yabo kandi yaramaze kwiha ibice 30% ⭕

Nkuko urwandiko rwasohowe n'umuvugizi w'umukuru w'igihugu Rosine Guilène Gatoni rubitangaza, ikiringo c'imisi 15 yo kugera kuwa 15/1/2024 nico cahawe abo batangakori kugira babe bamenyesheje uko 70% aheraniwe ikigo asigaye arihwa.

🔰👉Mwomenya ko Reta iriko yishuza abatangakori bagagaje banka kuriha imiriyoni zigera kuri 300 z'amafranga y'amarundi.

🔰👉lvyo bije muri iyi ntango y'umwaka wa 2025, aho mw'ijambo rw'umukuru w'igihugu habonetsemwo igabisha ku bantu batoba ubutunzi bw'igihugu.



⭕Ubutunzi: Abatozakori baragabishwa n'umukuru w'igihugu c'uburundi muri uyu mwaka wa 2025 ⭕Amakori n'amatagisi yose ateg...
02/01/2025

⭕Ubutunzi: Abatozakori baragabishwa n'umukuru w'igihugu c'uburundi muri uyu mwaka wa 2025 ⭕

Amakori n'amatagisi yose ategerezwa kwinjira mu kigega c'igihugu kandi bibaye ngomwa amategeko agenga abatozakori azohinduka kugira igihe binjije amafranga menshi bazohembwe menshi ariko binjije make naho bazohembwa make, ivyo biri mw'ijambo ryashikirijwe n'umukuru w'igihugu c'uburundi Evariste Ndayishimiye, kuwa 31/12/2024 buca uburundi bwinjira mu mwaka mushasha wa 2025.

🔰👉Umukuru w'igihugu kandi akamenyesha ko uwu mwaka wa 2025 twamaze gutangura ibintu vyahindutse ukundi. Agira ati: Hariho abareka gutanga amakori n'amatagisi bitwaje ko bakingiwe ikibaba n'abiyita ibihangange, uwuzofatwa wese amenyeko abo bose bafashwe bazohanirwa hamwe"

🔰👉Umukuru w'igihugu aranasaba abarundi bose baba abakorera reta canke abikorera ivyabo guharanira kugwiza umwimbu kuko icivugo ca 2025 ari "Murundi wese, gira icukoze kugira uburundi bushike kw'ihangiro ry'igihugu giteye imbere"

🎤🎤Musomyi uriteguye muri iyi 2025??



Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Elicomag posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Elicomag:

Videos

Share