Claver Ndayishimiye

Claver Ndayishimiye The power of Introverts. Proverbs 27:12
(1)

31/01/2025

Hari umusenzi yavuze ko akunda umupira cane, ngo nubwo Ekipe ashigikiye ikoresha imiti n'ibiheko, ngo ivyo nta co bitwaye...😀

30/01/2025

Iyo bish*tse umusuma akaja kwiba mu rupangu rurimwo imbwa zitacandazwe, hanyuma zikamurya: Mubona yokwirirwa arabigira birebire?😅

29/01/2025

Hari uwavuze ati: “isoro ry'icasame nta wutariryako!”
Ndatahije abari aho hakurya y'amazi menshi.

28/01/2025

Ah'ubooona Kongo ga yemwe!! 😅🤭😡
Nibatambe imiziki nyene, nta bundi buhinga!
Baraheba bagaterana ishavu😴

27/01/2025

Hari abambwiye ngo Ikirundi nkoresha kiradadiye cane, ku buryo uwudafise décodeur adasobanukirwa.
Yamara ngubwo Ububeshi.😊

26/01/2025

Imfyisi iraterana ishavu mu buryo bwose bushoboka: irarindira ibindi bikoko bigacakira umuhîgo, hanyuma na yo igaca ija kuvyaka.😡

25/01/2025

Hari uwambajije nimba amafi na yo yarinjijwe mu bwato bwa Nowa! 😅
Inyishu yabaye : “Oya!” kugira ngo simpave ntwarwa n'agashavu..

24/01/2025

Ari nka hamwe abantu bokwiga ingendo y'ukwubahana n'ukwirengagiza uwubashayeko, imburano za buri gihe zova he? 😊

20/01/2025

Umuporoti umwe yibajije ati: Mbega iyo unyoye utuyoga, hanyuma ntihagire uwo ugirira nabi: Uba ucumuye ku Mana, canke ni kw'idini?

13/01/2025

Muganga w'amenyo,

Mbega biba bikiri ngombwa ko umuntu agura umujigiti n'umuti w'amenyo, mu gihe asigaranye amenyo abiri gusa?🤔😅

12/01/2025

Hari uwo basavye kuja gusengera uwafashwe n'amadayimoni.
Na we ati:
“Ehee, mbe hamwe vyomuvamwo bikankunkumura, notabarwa na nde?”

10/01/2025

Hari abantu bubahiriza umwanya cane; ntibigera bacerwa, na cane cane iyo hageze kugodoka.
Ntibarenzako n'umunota umwe! 😁

08/01/2025

Hari igihe uza wumva umuntu agize ati : “Urazi ga sha twebwe tuciga!”
Ariko ntawomenya niba koko yoba yarakurikira neza mw'ishure!

NI VYO VY'IVYO NYENE!NI KUKI INZOKA ITATUMBEREYE ADAMU NGO ABE ARI WE IBAZA ICO KIBAZO, KANDI UWO MWANYA EVA YARI ARI KU...
06/01/2025

NI VYO VY'IVYO NYENE!
NI KUKI INZOKA ITATUMBEREYE ADAMU NGO ABE ARI WE IBAZA ICO KIBAZO, KANDI UWO MWANYA EVA YARI ARI KUMWE N'UMUGABO WIWE ADAMU? CANKE UMUGABO YARI NĪRYO ?

Ehe ndabira hano:👇

[inzoka] Ibaza uwo mugore, iti Mbega n'ivy' ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur' iri tongo?
Umugore yishura iyo nzoka, at' Ivyama ku biti vyo mur' iri tongo twemererwa kubirya: arikw ivyama ku giti kiri hagati mw itongo, ni vy'Imana yatubujije, ngo ntitubiryeko, canke ngo tunabikoreko, kugira ngo twoye gupfa.
Iyo nzoka yishura uwo mugore, iti Haba n'intete ntimuzopfa;
kukw Imana izi yuk' umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk' Imana ku vyo kumenya iciza n'ikibi.

MBE HOHO AKO K'UKO INZOKA YABABWIYE KO BARIYE KURI ICO GITI BAZOCA BAKANURA MAREMARE, YARABESHE KOKO?

02/01/2025

Bagabo namwe basore!
Mwibaza ko ari igituma giki murihira amashure abakunzi banyu, hanyuma bikarangira babigaramye? 😅
👇👇👇

31/12/2024

NYANDWI ngo ni wa muntu aja gusenga ku wamungu gusa; naho nyene akagenda yacerewe.
Uwo kw'ibonane we, bite vyiwe? 😊

Aka ni kamwe dufoto tw'umusi mukuru wa Noweli.Bamwe bati nubwo yari yarusomye, ariko yaboneka nk'uwuri mw'isengesho. (En...
27/12/2024

Aka ni kamwe dufoto tw'umusi mukuru wa Noweli.
Bamwe bati nubwo yari yarusomye, ariko yaboneka nk'uwuri mw'isengesho. (En forme de prière)😊

🎶
“Qu'il est le long chemin,
Qui mène à sa lumière,
Mais, garde encore tes mains,
en forme de prière
Il n´est jamais trop t**d
Ne perds jamais confiance
A Bethléem, ce soir
L´éternité commence 🎶

__Frédéric François.

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Claver Ndayishimiye posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Claver Ndayishimiye:

Videos

Share