Lil bless 257

Lil bless 257 Artiste

🛑Aba basore bo muri team ya   isanzwe ushigikiwe n'ikinyamakuru Isanamu Media nawe urabashigikiye???? Urabemera???? Ur'u...
19/06/2024

🛑Aba basore bo muri team ya isanzwe ushigikiwe n'ikinyamakuru Isanamu Media nawe urabashigikiye???? Urabemera???? Ur'umufana wabo????

🎤 K'uruhande rwabo barivugira ngo "bafise ubumwe budasanzwe hagati yabo mubikorwa bariko barakorana vy'umu*iki no m'ubu*ima busanzwe bavuga ko baza baramaze kuba umuryango ".

🎤 Kimwe mubiganiro bamaze gukora harico bakoranye nico kinyamakuru"Isanamu Media" baramenyesheje abakunzi babo ko biteguye guha abakunzi b'umu*iki mwiza ibikorwa vyinshi kandi vyiza nk'uko bamaze igihe bariko barabikora. Aho twovuga nko mukiringo c'amezi abari (2) gusa bamaze gusohora indirimbo zishika kuri ndwi (7) kandi zose zifise amasanamu yazo.

🎤 Twobamenyesha ko uyo murwi ariwo nyene urimwo abaririmvyi nka "Umwami w'Ipori" na Munago . Mbega mwoba muriko namwe muritegurira gushigikira izi mpano n'igihugu????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑Mwamaze kuja kuyiraba n'ukuyumviriza???? Ndavuga indirimbo nshasha ya Monia Fleur ???? Yise "Saana" 🎤Ubu tuvugana irama...
19/06/2024

🛑Mwamaze kuja kuyiraba n'ukuyumviriza???? Ndavuga indirimbo nshasha ya Monia Fleur ???? Yise "Saana"

🎤Ubu tuvugana iramaze nk'amasaha ashika kuri 8 k'urubuga rwiwe rwa YouTube. Link Muri Comment muyisangeyo.

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑 Murino ntambara y'ukwandika n'ukwandikirwa indirimbo wewe nk'umukunzi w'umu*iki ndundi uri kuruhande rwande hagati ya ...
19/06/2024

🛑 Murino ntambara y'ukwandika n'ukwandikirwa indirimbo wewe nk'umukunzi w'umu*iki ndundi uri kuruhande rwande hagati ya Kadie Kay na Dj Fernando +257 ????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑Ivya "Saido Ntibazonkiza" na Simba sports club tanzania yo muri "Tanzania" vyarangiye.🎤 Umugwi wa Simba Sports Club ubi...
19/06/2024

🛑Ivya "Saido Ntibazonkiza" na Simba sports club tanzania yo muri "Tanzania" vyarangiye.

🎤 Umugwi wa Simba Sports Club ubicishije ku mbuga hwaniro zayo bahejeje kumenyesha ko bavavanuye na Saidi Ntibazonkiza yaramaze imyaka 2 awukinira.

🎤 Uyo mukinyi w'Umurundi yash*tse muri uyo mugwi amaze guca mu mugwi w'umukeba wa Young Africans Sports Club na "GeitaGold" yamazemwo amezi 4 gusa.

🎤 Muri Simba yawinjirije ibitsindo atari bike mbere mu mwaka w'inkino wa 2023 ushira uwa 2024 yatowemwo nk'umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi mw'ihiganwa ryo mu gihugu ca Tanzania.

🎤 Naho afise imyaka 37, uyo mukinyi aracafise isoko kuko imwe mu migwi yo mu Rwanda iriko iramwipfuza, mbere hakaba n'iyindi yo mu bihugu vya barabu yagaragaje ko hamwe yovyipfuza yomwakira.

🛑Ibimaze imisi bivurwa , umuririmvyi Dj Fernando +257  wé akomeje kugerageza kubivyazamwo umusaruro 😍✊🎤Bivanye na zuguru...
19/06/2024

🛑Ibimaze imisi bivurwa , umuririmvyi Dj Fernando +257 wé akomeje kugerageza kubivyazamwo umusaruro 😍✊

🎤Bivanye na zuguruzuguru yari imaze imisi hagati ya Dj Fernando 🇧🇮 na 🇧🇮 benshi muravyibuka , Nahano kwaruno rubuga twaratanze anomakuru , umuririmvyi Dj Fernando 🇧🇮 kumusi wejo niho yandika agira ati :

🎤"KAZIMA IMANA INKUNDA"

🎤Abantu benshi baciye batangura kwibaza ko ivyavuze biza vyuhira kucuka Kiri hagati yiwe na Kadie kay 🇧🇮 nyamara bitarivyo 😍✊

🎤Inyuma yaho gato niho yaca yongera kumenyeshako uyumusi igihe cisaha cumi nazibiri zumugoroba ( 18h00min ) ko aza gushira hanze Indrimbo yiwe nshasha yise 😍✊

🎤Agitangaza inonkuru , Abantu benshi baciye batangura kwibazako ivyaribimaze imisi bivurwa ko yoba yari 🇧🇮 bari bibereyemwo na Kadie Key 🇧🇮 nubwo hari nabandi bemezako ivyabo bitari showbiz 😍✊

🎤Nawe ubona ivyabo haraho bihuriye na Showbizz ??? Iyindrimbo nshasha ya Dj Fernando 🇧🇮 muyiteguriye gute????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑 Amafaranga angana n'ibihumbi amajana tanu ( 500.000Fbu) niyo ahawe abaririmvyi 2 bagize uruhara mundirimbo   . Nabo ak...
18/06/2024

🛑 Amafaranga angana n'ibihumbi amajana tanu ( 500.000Fbu) niyo ahawe abaririmvyi 2 bagize uruhara mundirimbo . Nabo akaba ari Alvin smith frimeur nyene iyo ndirimbo n'umuririmvyikazi Belle 9ice . Ayo mahera bakaba bayahawe numwe mubasanzwe bamaze imyaka myinshi bakora kugirango umu*iki ndundi iterimbere, ubashe n'ugushika kure ariwe Chimamanda Moses

🎤 Mbega wewe nawe nk'umukunzi w'umu*iki ndundi ni akahe kajambo wobarira uyu mugabo inyuma y'ugushima kwabano baririmvyi????

🛑😁😆Ngo hariho urwaruka rwibaza ko amahera ya "Paeej-Burundi" ari ayo kuribwa hama agaheranwa.🎤 Mu rugamba rw'ukurabira h...
18/06/2024

🛑😁😆Ngo hariho urwaruka rwibaza ko amahera ya "Paeej-Burundi" ari ayo kuribwa hama agaheranwa.

🎤 Mu rugamba rw'ukurabira hamwe urugero ibikorwa vy'umugambi ufasha urwaruka kurwanya ubushomeri n'ukwiremera akazi "Paeej" rwabaye uyu musi itariki 18/06/2024, "Ndoricimpaye Jean Marie" asanzwe ajejwe ugukurikirana imigambi muri "Paeej " yerekanye ibimaze gukorwa kuva muri 2021 kuva uyo mugambi utanguye gukora. Ngo "Uyo mugambi warafashije imigambi 3.367 y'urwaruka mukuronka imitahe y'ibanze". Nk'uko Ndoricimpaye yabandanije avyerekana, ngo ibice 39% vy'iyo migambi y'urwaruka niyo yaramye imigambi 1.681 ikaba ikigoyagoya.

🎤 Ngo kuvyerekeye ugusubiza umutahe navyo, "Nsabimana Clarisse " arongoye ubutunzi muri "Paeej" yamenyesheje ko, ku miriyoni zirenga 287,310 zari zitezwe hamaze gusubizwa imiriyoni zirenga 353,736 bivuga ko ibice birenga 123,12%.

🎤 Ngo mugabo naho biruko, urwo rwaruka rwinshi rwibaza ko ayo mafaranga atazosubizwa, kuko ngo rwamenyereye amafaranga yoba yahora atangwa muma "Koperative" akenshi ugasanga ntibayasubije. Rero "Ndoricimpaye Jean Marie " akamenyesha ko kudasubiza amafaranga ya "Paeej" bisa no kudakunda igihugu, kuko ari amafaranga aba yaje ava mukigega ca "Reta". Akamenyesha kandi ko bikurikiranwa no m'ubutungane.

🎤 "Yamuremye Moise" nawe arongoye igisata c'urwaruka mi kigo c'urudandaza be n'amahinguriro "Cfcib Burundi", abona ko hakwiye kubaho ugukurikirana ibikorwa vy'urwaruka kugirango babashe kuraba vy'ukuri uko ibikorwa vyifashe, mbere ntihagire n'abakoresha amafaranga y'ingurane ico atagenewe.

🛑Ngo guhera ubu ikinyobwa ca "Sapor" naco nyene kigiye gushirwa m'umurwi w'inzoga zikaze bita "Liqueur" naho kitarenza u...
18/06/2024

🛑Ngo guhera ubu ikinyobwa ca "Sapor" naco nyene kigiye gushirwa m'umurwi w'inzoga zikaze bita "Liqueur" naho kitarenza ubukari bwa 16%.

🎤Ivyo bikaba vyashikirijwe w'ubudandaji "Nijimbere Marie Chantal" uyu musi igenekerezo rya 18/06/2024 aho yamenyesha ko iyo ngingo yafashwe inyuma y'ibipimo vyakizwe n'ikigo ca "BBN" ( Bureau Burundais Normalisation et Contrôle de la Qualité) ngo bakaba basanze ico kinyobwa coshirwa m'umurwi w'inzoga zikaze bita Liqueur.

🎤 Umushikiranganji Chantal Nijimbere asigura ko ihinguriro risanzwe rihingura ikinyobwa "Sapor" ryasavye uruhusha rivuga ko inzoga "Sapor " ari umuvinyu "Win" ngo ukonzwe cane cane mu vyamwa. Isuzumwa ryakonzwe ryerekanye ko urugero rw'ivyamwa rurimwo ari ruto cane uretse icamwa kimwe gisanzwe gifasha mu guhingura inzoga zikaze mubindi bihugu.

🎤Uko gushirwa m'umurwi wa "Liqueur" bikazoca bishobora gutuma ico kinyobwa gihindurirwa icupa kandi kinongere ntikidandarizwe ahariho hose.

🛑 Abanyagihugu bo muntara ya Gitega iki giteramo ca B-face On The'flo murabona ko arico guhusha???? Mbe hoho mwabonye ko...
18/06/2024

🛑 Abanyagihugu bo muntara ya Gitega iki giteramo ca B-face On The'flo murabona ko arico guhusha???? Mbe hoho mwabonye ko mubaririmvyi bazoba bakigize ko hazoba harimwo na Alvin smith frimeur , Belle 9ice , Vania Ice , Emery Sun, na bamwe muba Djs batavyorosha nka Dj-Philbyte , Dj Zenobino on the Mix kuva muri "RunTown Djs" na "MC AMI PRO".

🎤Abatumire nabo ni nka "YM MUSIC, ANDY BREEZY, TRICK P LIL, na SAMANDARI. Ibiciro vy'ukwinjira navyo akaba ari nko k'ubuntu kuko muri (Simple 5.000FBu) ( V.I.P 10.000FBu) ( Table de 4 Personnes) ( Bouteille de Vin 100.000FBu).

🎤 Location ni "Jerusalem Hotel" itariki 22/06/2024 kuva igihe c'isaha 06 P.M. mukubatumira yababajije ati "Are you Ready????"

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑Bamwe bariko baravyita ukurorwa abandi nabo bakavyita ukwemera umuntu. Mbega wewe nawe ubona bino bintu wobiha irihe zi...
18/06/2024

🛑Bamwe bariko baravyita ukurorwa abandi nabo bakavyita ukwemera umuntu. Mbega wewe nawe ubona bino bintu wobiha irihe zina????

🎤 Inyuma yaho umuririmvyi Wiz Designer asohoreye indirimbo arikumwe na Big Fizzo bise "FINE" ariko arasa naho atariko arahisha uko yoba yemera uyo muririmvyi k'urugero rwaho hariho abariko barabitahura ugutandukanye. Ubwambere m'urukino rwari rwahuje abaririmvyi n'umurwi w'igitega uno muririmvyi yaje yambaye umupira wanditseko izina rya "Big Fizzo", ariko ubu naho nk'uko mubibona na "Profile Picture" yo k'urubuga rwiwe rwa Facebook yamaze kuyihindura ubu hariko ifoto ya Big Fizzo.

🎤 Musomyi twese turabizi ko iyo umuntu agiriye neza uyundi gushima canke kumushimira ari ibintu biri mumico yacu twebwe"Abarundi " ariko nuku twovyita ugushima????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑Akiva ruguru muntara ya "Kayanza" ataramenyana na Landrypromoter Bdi ngo aje m'umuryango wa Wema Entertainment nta munt...
18/06/2024

🛑Akiva ruguru muntara ya "Kayanza" ataramenyana na Landrypromoter Bdi ngo aje m'umuryango wa Wema Entertainment nta muntu n'umwe yarazi ko uno muririmvyi LinoG impano yiwe y'ukururimba hari aho izomugerana n'ivyo izomush*tsako. Uyu munsi ari mubaririmvyi basanzwe bari m'umuryango wa "MilliGang" kundirimbo 2 mundirimbo afise k'urubuga rwiwe rwa YouTube

🎤Mufana uyu musi dushaka utubarire aho watanguriye kumenyera uno muririmvyi???? Wongere utubarire indirimbo ziwe ukunda kuruta izindi muzo amaze gushira k'umugaragaro???? Wongere ugire ico umuhanura nico umusaba muri bino bihe abaririmvyi bacu bariko baracamwo vy'ugukora Hit bagaca bibagira ababahaye ububasha.

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑"Vyarambabaje jewe nka Producer ndetse nabo twarikumwe nabo nyene vyarababaje bahakwa n'ugukorora amosozi. Kadie Kay ni...
18/06/2024

🛑"Vyarambabaje jewe nka Producer ndetse nabo twarikumwe nabo nyene vyarababaje bahakwa n'ugukorora amosozi. Kadie Kay niho yarari muri Studio umunsi "Bellissima" irikodingwa, mbere ninawe yaranafise texte muri telephone". I Breezy Yongera avuga ati "jewe nsinibaza ko noza kubesha ngaha Kuma Medias ico kintu na Dj Fernando +257 ubwiwe arakizi ahubwo umutima wiwe niwe utariko uramwemerera kuvugisha ukuri".

🎤One Way yongeye ati "Zirya ndirimbo zibiri zirimwo amajambo akomeye cane kuburyo naho woba u*i ururimi rw'igifaransa atokubera amajambo yoroshe gutora hafi, canke ngo uyiyumvire vuba na vuba. Ahubwo ico nabonye bisaba kuba warasomye cane ibitabo, sayo gutora hafi kandi ni naya ma "Roma" y'ubwenge gose. Ndabisubiyemwo jewe nka IBreezy arya ni amajambo akomeye Dj Fernando ntiyopfa kuyatora hafi nubwo yoba azi ururimi rw'igifaransa ".
🎤 Ijambo uno muhinyanyu*i w'indirimbo kuruhande rwa"Audio " tu*i nka"One Way " canke"IBreezy " tu*i ko yakoze indirimbo nyishi za We Love Mu*ika, yarangirijeko mukiganiro yariko arakorana na TV y"Umukubito TV" yarangije agira ati "Dj Fernando ambabarire kuba ndamwubahutse kuko nawe nyene yubahutse umuvyeyi, rero hatanguye kuza haraza inyifato nk'izo natwe baca batubona nabi, rero ntuba ugishobora gufasha umuntu agusuzugura".

🎤Bamwe bahora bavuga ko Umuririmvyi Dj Fernando yoba ariko ararenganywa ubu naho muravuga iki???? Canke na IBreezy yarishwe kugirango aze gufasha abandi muku*imya uno musore nk'uko mubivuga ko bariko baragomba kumu*imya????

🔴Jusqu'à ce que la mort vous sépare "! L'alliance que portait Marcello Tunasi lui a été retirée aujourd'hui lors des obs...
17/06/2024

🔴Jusqu'à ce que la mort vous sépare "! L'alliance que portait Marcello Tunasi lui a été retirée aujourd'hui lors des obsèques de sa Femme. Par ce geste, il devient officiellement veuf et séparé de l'union avec Maman Blanche Tunasi.

🎤Étaient présents à ces obsèques le Président de la République Félix Tshisekedi, la Première Dame, le Président de l'Assemblée Nationale, plusieurs Dignitaires et représentants des institutions diplomatiques.

🛑 Amasaha 2 araheze umu Maman yanditse indirimbo ya "Bellissima" ya Dj Fernando +257 ariwe Kadie Kay yanditse aya majamb...
17/06/2024

🛑 Amasaha 2 araheze umu Maman yanditse indirimbo ya "Bellissima" ya Dj Fernando +257 ariwe Kadie Kay yanditse aya majambo :
"Umunsi ntazibagigwa dans ma vie Le jour de Le 14/06/2024😭"

🎤Mbega wewe nawe woba uri k'uruhande rwande hagati yabano bantu ba 2 ????

🛑 Amafaranga angana na 120.000.000 yama SSP be n'inka 130 nivyo vyatanzwe n'uwugiye kubana n'uno mwigeme. Mwomenya ko ah...
17/06/2024

🛑 Amafaranga angana na 120.000.000 yama SSP be n'inka 130 nivyo vyatanzwe n'uwugiye kubana n'uno mwigeme. Mwomenya ko aho ivyo vyose bibaye hari inyuma y'ihiganwa ryari rigize imisi riri hagati y'abasore bariko barahiganwa ngo hagire uwuvamwo atsindire uno mwigeme anzwi kumazina ya "Athiak Dau Riak" wo mugihugu ca Sudan.

🎤 Umusore "Chol Marol Deng" niwe amutsindiye, akaba arushije abandi. Umuryango w'uwo mwigeme ukaba wemeye inkwano yatanzwe n'uyo musore. Mwomenya ko uyo musore yameye gutanga

- Inka ( 130 )
- Alothok ( 50 )
- Amahera ( 120.000.000 SSP ). Abavyeyi biwe bamaze kubona uyo musore yiyemeje izo nkwano bakaba baciye bavumereza impundu bati uyo niwe duha umukobwa wacu ntawundi twomuha.

🛑"Maze igihe kinini nkoresha ijambo meze neza , iryo Jambo rizi guhisha uko umuntu yiyumva , ariko ico nshaka kuvuga uyu...
17/06/2024

🛑"Maze igihe kinini nkoresha ijambo meze neza , iryo Jambo rizi guhisha uko umuntu yiyumva , ariko ico nshaka kuvuga uyumusi nuko nta Meze neza , ndashaka ko mumfasha gusenga , ndashaka ko Iyi mibabaro ihera , kuberako birababaza kuba kuruhande , Ndashaka gusubira gukomera cane no Gukora cane.

So my people I’m coming back stronger than before💪🏽
More things on the way…
Stay tuned and blessed
Love y’all❤️"

🎤Ayo ni amwe Mumajambo Umuririmvyi Kirikou A Kili kuva muri Bilimani Boy yaraye ashize kumbuga ziwe. Mbega wewe watahuyewmo iki???? Uno musore ni igiki yashatse kubarira abakunzi biwe????

🛑 K'umunsi w'ejo hahise mugitondo abanyagihugu bari bazindukiye kwinonora imitsi mukuzunguruka igisagara ca Bujumbura ba...
17/06/2024

🛑 K'umunsi w'ejo hahise mugitondo abanyagihugu bari bazindukiye kwinonora imitsi mukuzunguruka igisagara ca Bujumbura bariko baranyonga amakinga.

🎤 Urwo rugendo rwari rwatunganijwe n'uburongozi bwa "Meri ya Bujumbura" bufadikanije n'ubuserukizi bw'ingoma y'Ububirigi mu Burundi 🇧🇮. Bikaba vyari vyitabiriwe n'abantu batari bake harimwo n'umuserukizi wa Belgique hano mu Burundi. Abasanzwe bakunda uwo mukino w'ukunyonga amakinga be n'urwaruka rukiri ruto.

🎤 Muri ugo rwaruka hakaba harimwo abana bafise imyaka 5 n'abafise 6 kuduga. Mbere n'abantu bakuze kuze nabo nyene ntibari basigaye inyuma mukuza kunyonga amakinga mu bandi. Muri rusangi abantu barenga 150 nibo bari biyandikishije muri uwo mukino.

🎤 Bikaba vyari bitegekanijwe ko bari kunyonga izo kinga ku birometero birenga 26 bisanzwe biri hagati y'igisagara ca Bujumbura, aho baciye bahereza kuri "Jardin Public" mugihe bari batanguriye kuri "Cathédrale Regina Mundi" .

🎤 Hama inzira bafashe ikaba yariri kuri ico gicapo ca "Cathédrale Regina Mundi - Chaussée du Peuple Murundi - Avenue de L'imprimerie - Boulevard Mwezi Gisabo - Boulevard de la liberté - Source du Nil - Boulevard Melchior Ndadaye, Buja City Market (Sion) - Marché Cotebu - Boulevard Mwezi Gisabo - Jardin Public".

🎤 Muri rusangi mwomenya ko ugo rugendo rwose rwagenze neza, nta muntu numwe yahakomerekeye ahubwo mwomenya ko na zimwe muri zirusehabaniha be n'abakorerabushake b'umuryango wa "Croix Rouge" niho bari bibereye.

🛑 Umusore Melanin boy kuva muri team ya We Love Mu*ika ubu tuvugana kuri YouTube Channel yiwe afiseko indirimbo 2 zifise...
16/06/2024

🛑 Umusore Melanin boy kuva muri team ya We Love Mu*ika ubu tuvugana kuri YouTube Channel yiwe afiseko indirimbo 2 zifise 1M Views. Aho ni inyuma ya "No Force in Love" ubu naho "Elena" ikaba nayo nyene ihejeje gukwiza 1M Views.

🎤 Mumajambo meza make ashoboye kuvuga harimwo aya aho yagize ati ; "Twikomere amashi👏👏 Inyuma ya No Force in Love , Elena nayo irashikanye 1M Views. Ndabashimiye mwebwe mwese izo ndirimbo iziwanyu".

🎤Mbega wewe nawe woba uri mubantu bagize uruhara mugukwiza izo Millions kurizo ndirimbo????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑Ngo nta gusigura injiri bikwiye kurenza iminota 8 mu misa kumvo zuko abakirisu basinzira  cane iyo injiri isiguwe umwan...
16/06/2024

🛑Ngo nta gusigura injiri bikwiye kurenza iminota 8 mu misa kumvo zuko abakirisu basinzira cane iyo injiri isiguwe umwanya munini.

🎤 Papa Francisco, umwungere w'Ekleziya Katorika, aho ahanura abapatiri kutarenza iminota 8 y'ugusigura injiri (homélie) mu nkuka y'imisa.

🎤Yabivugiye i Vatikano, mu kibanza citiriwe umweranda Petero, aho yari ahejeje guhereza ikatikisimu, ejo bundi kuwa 12 Ruheshi.

🎤Ikindi, Papa Francisco arahanura abakirisu guhora bitwaza inkuru nziza buri gihe, maze bakisomera bo nyene ivyanditswe vyeranda.

🎤Mbe wewe nawe uku abibona Papa niko nawe woba ubibona????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑 Mubantu Umuririmvyi Dj Fernando +257 yarakwiye kuzokwama yibuka akongera akama arabashimira uno mu Maman   arimwo. Ari...
16/06/2024

🛑 Mubantu Umuririmvyi Dj Fernando +257 yarakwiye kuzokwama yibuka akongera akama arabashimira uno mu Maman arimwo. Ariko vyaraye bimubabaje kubona Fernando amutako ishavu ry'amanyanga amazemwo igihe akora hama abantu bakaguma bamwereka ko ariko arakora amakosa mugabo we akigira sindabibazwa. Fernando akabandanya uku ndabona niki gihugu azogihunga aje kuba mumahanga kuko uku siko abarundi dukunda Uburundi dushaka kubana.

🎤Ejo hahise mw'ijoro ryariko riraberamwo igiteramo cari categuwe na "Kazoza FM" uno muririmvyi Dj Fernando yarakoreshe ishavu asanzwe ariko arabana naryo muri kino gihe mukumaramaza n'ukuburira indero uno muvyeyi angana na Maman wiwe. Ico giteramo kikiriko kiraba abantu bagiye bumva Fernando yaduka avuga ngo wa mu Maman yama ababwira ko ariwe yanditse indirimbo ya "Bellissima" namubonye hano naze rero ayiririmbe. Atakubesha birimwo abari bari murico kibanza bose barumiwe, barwa mugahundwe bumvise ayo majambo yariko aravurwa nuyo muririmvyi.

🎤Ariko k'uruhande rw'uno mu Maman we avuga ko atakibazo biriko biramutera kandi ngo nta mafaranga ariko arasaba Dj Fernando ngo amuhe kuko indirimbo ni rwiwe kandi ngo na Hit ni rwiwe nabigumane amuhe amahoro kuko ngo ni nawe yatanguye nukuvuga ubwambere ko indirimbo "Bellissima" atariwe yayanditse rero namuhe amahoro areke kumuburira indero kuko ngo we aracamufata nk'umwana wiwe.

🎤 Musomyi mbega wewe ubona ko Ibi bintu Dj Fernando ariko arakora arivyiza k'umu*iki wiwe???? Hamwe mwohurira ahantu akaguha umwanya ni ikihe kintu womuhanura????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑Mu gihe buri wa 16 ukwezi kwa gatandatu hama hahimbazwa umusi wahariwe umwana w'umunyafrika,ikigo New Generation gifise...
16/06/2024

🛑Mu gihe buri wa 16 ukwezi kwa gatandatu hama hahimbazwa umusi wahariwe umwana w'umunyafrika,ikigo New Generation gifise umugenzo wo kwegeranya abana baba mw'ibarabara bakabafasha guhindura ubu*ima babayemwo carahimbaje uwo munsi mukuru kuri uyu wa 15/6/2024.

🎤Philemon BIGIRIMANA umunyamabanga mpuzabikorwa wa New Generation yamenyesheje ko mu kigo c'ibujumbura abana 58 baba mu kigo, abahungu 36, abakobwa 22 mu kigo kiri mu ntara ya Muyinga komine Gasogwe bafise abana 52 ariko bafashirizwa mumihana yabo ibijanye nishure mukubaha ama u uniformes, ama cahiers n'amakaramu.

Kugira abana bashirwe mur'ico kigo bigenda gute?

🎤Philemon BIGIRIMANA yamenyesheje ko ari igikorwa kimara umwaka wose kuko bafise abakozi Bashika ahakoraniye abana babayeho ubu*ima bwo mw'ibarabara kugira rimwe mundwi baze bararoswa inyigisho. Ashoboye kwihangana bakamara umwaka nibo baca bashirwa mundaro.
Abo bana bose baba begeranijwe baraheza ngo bagafashwa bakiga amashure yisumbuye, ariko ngo bobo ubushobozi bafise buba bugabanutse, ariko nk'uko yabandanije abimenyesha ngo kuwushaka kubandanya amashure ya kaminuza babicishije mumugambi :"University Fans" aho uwuhejeje amashure aheza agasubiza ayomahera kugira abari inyuma yiwe babandanye baronka ikibafasha.

🎤️Ku bwa Dieudonné NAHIMANA yatanguje uwo mugambi yamenyesheje ko abana baza mw'ibarabara bamwe bamwe bivuye kubavyeyi baba baratandukanye, ubukene mu miryango bigatuma bataronka ibifungurwa bikwiye harimwo n'ububegito bushobora gufata abana aho akaba akaba yasavye abana bari baje guhabwa inyigisho kuvavanura n'ingeso mbi harimwo n'ibiyayuramutwe.

🎤N'ubwo abo babana baba mubu*ima bwo mw'ibarabara NAHIMANA asaba ababishoboye guhindurira ubu*ima abobana kuko barose uwubafasha bavamwo ikintu kinini kuko New Generation bariko baritangira abana babaye m'ubu*ima bwo mw'ibarabara, ngo ico kigo kirahura n'ingorane z'ibitigiri vy'umurengera aho nk'uko umunyamabanga mpuzabikorwa yabishikirije k'umwana uheze bakwirikirana abana 5000 aho naho uburyo bukaba bica biba buke, hakaba hiyongerako abantu badatahura ibikorwa bariko barakoresha abo bana bakabifata ukutariko.

🛑 Igihe nticari kinini giheze Simbizi Wa Semavumba agiye gukwa, nguyu uyu musi araye ahejeje vyose ubu arya imari yiwe u...
15/06/2024

🛑 Igihe nticari kinini giheze Simbizi Wa Semavumba agiye gukwa, nguyu uyu musi araye ahejeje vyose ubu arya imari yiwe uko ayishaka naho ayishakiye😁😆. Uru ni urugendo umuntu wese akwiye kumenya ko ari ngombwa azorujemwo mugihe azoba akiri murino si y'abazima. Reka tumwipfurize umugisha muri runo rugendo rw'ubu*ima bushasha umusaza atanguye.

🎤 Musomyi wewe nawe mbega woba uriko urapanga gukora urubanza nkuru ryari???? Canke wewe nawe nta gahunda nka nje😁😆????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑Udafatiye k'ubwiza buno buntu bwoba bukoranye hama ngo ucuza gucagura akiriko izina utashaka, ahubwo koresha umutima wa...
15/06/2024

🛑Udafatiye k'ubwiza buno buntu bwoba bukoranye hama ngo ucuza gucagura akiriko izina utashaka, ahubwo koresha umutima wawe nyene w'ubufana witonde maze uze muri Comment utwandikire izina ryako wewe wokwambara bivanye nuko usanzwe ufana uwo muririmvyi nyene iryo zina uzakuba wacaguye.

🎤 MBDatagram
Natacha Burundi
Sat-B
Big Fizzo
Kirikou A Kili
Drama T
Belle 9ice
Melanin boy

🎤Hitamwo izina ry'umuririmvyi usanzwe wemera murayo yatanzwe uryandike muri Comment.

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑Wewe nawe uriko uhaturira canke uriko uraba wongera w'umviriza "Hahiye Remix" uri muyihe ntara hano iwacu 🇧🇮???? Canke ...
15/06/2024

🛑Wewe nawe uriko uhaturira canke uriko uraba wongera w'umviriza "Hahiye Remix" uri muyihe ntara hano iwacu 🇧🇮???? Canke uri mukihe gihugu????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑None hoba hakiriho abantu bakiriko barabaza amakuru ya Natacha Burundi ngo ikindi gikorwa ni ryari????😁😆 Namwe mwoba at...
15/06/2024

🛑None hoba hakiriho abantu bakiriko barabaza amakuru ya Natacha Burundi ngo ikindi gikorwa ni ryari????😁😆 Namwe mwoba atamakuru mufise pe!

🎤 Okay! Mwe none ntimubona ko gusaza yavyankiye???? Yoca abuzwa niki kugirango areke kuguma atunezereza???? Nk'uko mubibona we ari tayari ahubwo twebwe natwe twateguye aho gushira uno mu*igo mushasha agiye kudutamwo????

🎤Mwongera mwibuka ko Igiteramo c'agakura canke mpuzamakungu kitarakorwa, ahubwo iyi ndirimbo na Concert ni icahe tuzotangura guhabwa????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya

🛑Uyu mwana afise iyi mpano akiri muto nk'uku wewe nimba uri mubantu bakunda akaranga k'igihugu cacu c'Uburundi 🇧🇮 na can...
15/06/2024

🛑Uyu mwana afise iyi mpano akiri muto nk'uku wewe nimba uri mubantu bakunda akaranga k'igihugu cacu c'Uburundi 🇧🇮 na cane cane ukaba ukunda uko bavuza zino ngoma ubona womuha angahe kw'icumi 10 % ????

N:B: Aracari muto mugabo atanguye kurya amafaranga n'ifoto abicishije ku mpano yiwe.

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑 Umwami uku niko aba akwiye gufatwa iyo asohotse ingoro yiwe akaja mubo aba asanzwe atwaye m'ubwami bwiwe. Sat-B uku ni...
15/06/2024

🛑 Umwami uku niko aba akwiye gufatwa iyo asohotse ingoro yiwe akaja mubo aba asanzwe atwaye m'ubwami bwiwe. Sat-B uku niko abanyagihugu bo muntara ya Ngozi bamwakiriye. Mwomenya ko uyu musi muriri joro niho haza gusha aho uno muririmvyi afiseyo igiteramo muriyo ntara ya Ngozi.

🎤Ingo wandike izina rw'umuririmvyi u*i uvuge n'intara agiyemwo yokwakirwa kuno abanyagihugu bo muntara ya Ngozi bakiriye CEO wa Empire Avenue

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑 Bakunzi bacu aba bantu mwabamenye???? Okay reka ndabababwire hama ndabibarize akandi kabazo. Uyu muhungu ni Kirikou A ...
15/06/2024

🛑 Bakunzi bacu aba bantu mwabamenye???? Okay reka ndabababwire hama ndabibarize akandi kabazo. Uyu muhungu ni Kirikou A Kili , Uyu mukobwa nawe ni Inès Raguël akabazo kanje rero ni "Mubona baberanye m'uruhande urwahe???? " Nkaba Chrie canke nk'umuririmvyi na mugenziwe bariko barategura ibikorwa???? Inyishu muri Comment twagiye 🏃🏃

🙏Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya🙏

🛑Uku niko vyariko biragenda mw'ijoro ry'ejo hahise mukibanza ca "Malibu" aho abaririmvyi nka Alvin smith frimeur , B-fac...
15/06/2024

🛑Uku niko vyariko biragenda mw'ijoro ry'ejo hahise mukibanza ca "Malibu" aho abaririmvyi nka Alvin smith frimeur , B-face On The'flo , Double-jay OnceAgain , Kirikou A Kili , Mo'W Kanzie , Belle 9ice bariko barakora ico bita "Video Launch" y'indirimbo yaraye igiye ahabona.

🎤 Mbega wewe uri mubantu boba bamaze kuraba n'ukumviriza indirimbo "Hahiye Remix" ???? Ninde wabonye yabishoboye kurusha abandi????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

🛑 Urukino rwa nyuma rwahujije Umurwi wa "Rukinzo Football Club" na "Flambeau du Centre FC " mw'ihiganwa ry'igikombe c'um...
15/06/2024

🛑 Urukino rwa nyuma rwahujije Umurwi wa "Rukinzo Football Club" na "Flambeau du Centre FC " mw'ihiganwa ry'igikombe c'umukuru w'Igihugu ubu tuvugana ruraremvye.

🎤Mbega wewe wibaza ko ico gikombe kiza gutaha I Bujumbura canke kiza kuguma I Gitega????

🙏 Ntimwibagire gukora follow kuri page yacu mukubandanya mwironkera amakuru k'umwanya 🙏

Address

Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Lil bless 257 posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Videos

Share

Category


Other TV Channels in Bujumbura

Show All