
19/02/2025
⚕️ Burundi NCD Alliance igiye kwongereza ubuvugizi mu kugwanya indwara zitandukira
Mu 2014 niho ishirahamwe Burundi NCD Alliance rihuza amashirahamwe agwanya indwara zitandukira ryashirwaho. Iryo shirahamwe ryihaye intumbero y’uko “kugeza mu 2030 rizoba ryagabanije gushika ku ca gatatu, impfu ziterwa n’indwara zitandukira biciye mu guhimiriza abantu kwirinda no gufasha mw’ishirwaho ry’ubuvuzi bubereye”.
🎙️ “Inama mpuzamakungu yabereye i Kigali yaratwunguye ubwenge”
Mu gihe Muganga François Ndikumwenayo, umwigisha muri kaminuza y’Uburundi mu gisata c’ubuvuzi akaba arongoye n’ishirahamwe Burundi NCD Alliance aheruka mw’ikoraniro mpuzamakungu kuri izo ndwara ryabereye i Kigali mu Rwanda, ku magenekerezo ya 13 gushika 16 Ruhuhuma 2025, Muganga Ndikumwenayo avuga ko muri iryo shirahamwe bagiye kwongereza inguvu mu buvugizi kugira habeho kwirinda no gufasha mw’ishirwaho ry’ubuvuzi bubereye.
Ati : “Twarabonye urugero abandi bagezeko, turabonako mu vy’ukuri hariho ivyo tukiri inyuma. Na cane cane mu bijanye no gukorana na Reta mu gushiraho amatagisi n’amakori kw’itabi n’inzoga arivyo vya mbere bitera izo ndwara.”
Akongera ati: “Nk’uko twari dusanzwe tubikora, twigiriye inama yo gukomeza gufashanya n'abagwaye indwara zitandukira kugira baronke imiti ikwiye, dutumirire abandi kwirinda kugira izo ndwara zigabanuke ndetse n'abapfa bagabanuke eka mbere banarambe.”
🚴♂️ Kwirinda izo ngwara ahanini bihera ku nyifato nziza y’umuntu ku giti ciwe
Aho, yerekana ko izo ndwara ziri mu migwi itanu : umutima, amahaha, asthme, igisukari, cancer, goute, hamwe n'imitsi nsohozabwenge (maladie mentale) nayo ngo kwirinda ni ibintu vyoroshe : “Kwirinda kunywa ibiyayuramutwe, inzoga n’itabi hamwe no gukora kenshi imyimenyerezo nonoramitsi ndetse no gufata ingaburo umubiri ukenera, kugira isuku aho umuntu aba, biri mu vyotuma twirinda indwara zitandukira, umuntu akagira amagara meza”
Mwomenya ko iryo koraniro ry’i Kigali ryari ribaye ubwa mbere muri Afrika. Rikaba ryabaye ku ncuro ya kane kuva ayo makoraniro aba. Iryo koraniro ryabereye Kigali ryari nteguza y'irizobera I New York muri Amerika mu kwezi kw'icenda. Rihagarariwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rikazoshiraho ingingo zikwiye gufatwa mu kugabanya bimwe bishemeye izo ndwara mw’isi.
🧏 Urategera ?