Iris News

Iris News Bringing fresh & continuous news on , and the world. We value your thoughts and opinions

Iris News is a generalist Burundian media with 6 editorial aggregates that articulate the bulk of its information offer: Entrepreneurship, Ecology, EAC, Youth, Culture and Sport. Iris News, a media from the future defines itself as « The media of possibilities » designed to help young Burundians shape a prosperous and environmentally friendly Burundi.

⚕️ Burundi NCD Alliance igiye kwongereza ubuvugizi mu kugwanya indwara zitandukiraMu 2014 niho ishirahamwe Burundi NCD A...
19/02/2025

⚕️ Burundi NCD Alliance igiye kwongereza ubuvugizi mu kugwanya indwara zitandukira

Mu 2014 niho ishirahamwe Burundi NCD Alliance rihuza amashirahamwe agwanya indwara zitandukira ryashirwaho. Iryo shirahamwe ryihaye intumbero y’uko “kugeza mu 2030 rizoba ryagabanije gushika ku ca gatatu, impfu ziterwa n’indwara zitandukira biciye mu guhimiriza abantu kwirinda no gufasha mw’ishirwaho ry’ubuvuzi bubereye”.

🎙️ “Inama mpuzamakungu yabereye i Kigali yaratwunguye ubwenge”

Mu gihe Muganga François Ndikumwenayo, umwigisha muri kaminuza y’Uburundi mu gisata c’ubuvuzi akaba arongoye n’ishirahamwe Burundi NCD Alliance aheruka mw’ikoraniro mpuzamakungu kuri izo ndwara ryabereye i Kigali mu Rwanda, ku magenekerezo ya 13 gushika 16 Ruhuhuma 2025, Muganga Ndikumwenayo avuga ko muri iryo shirahamwe bagiye kwongereza inguvu mu buvugizi kugira habeho kwirinda no gufasha mw’ishirwaho ry’ubuvuzi bubereye.

Ati : “Twarabonye urugero abandi bagezeko, turabonako mu vy’ukuri hariho ivyo tukiri inyuma. Na cane cane mu bijanye no gukorana na Reta mu gushiraho amatagisi n’amakori kw’itabi n’inzoga arivyo vya mbere bitera izo ndwara.”

Akongera ati: “Nk’uko twari dusanzwe tubikora, twigiriye inama yo gukomeza gufashanya n'abagwaye indwara zitandukira kugira baronke imiti ikwiye, dutumirire abandi kwirinda kugira izo ndwara zigabanuke ndetse n'abapfa bagabanuke eka mbere banarambe.”

🚴‍♂️ Kwirinda izo ngwara ahanini bihera ku nyifato nziza y’umuntu ku giti ciwe

Aho, yerekana ko izo ndwara ziri mu migwi itanu : umutima, amahaha, asthme, igisukari, cancer, goute, hamwe n'imitsi nsohozabwenge (maladie mentale) nayo ngo kwirinda ni ibintu vyoroshe : “Kwirinda kunywa ibiyayuramutwe, inzoga n’itabi hamwe no gukora kenshi imyimenyerezo nonoramitsi ndetse no gufata ingaburo umubiri ukenera, kugira isuku aho umuntu aba, biri mu vyotuma twirinda indwara zitandukira, umuntu akagira amagara meza”

Mwomenya ko iryo koraniro ry’i Kigali ryari ribaye ubwa mbere muri Afrika. Rikaba ryabaye ku ncuro ya kane kuva ayo makoraniro aba. Iryo koraniro ryabereye Kigali ryari nteguza y'irizobera I New York muri Amerika mu kwezi kw'icenda. Rihagarariwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rikazoshiraho ingingo zikwiye gufatwa mu kugabanya bimwe bishemeye izo ndwara mw’isi.

🧏 Urategera ?

💵 500 Fbu : Igiciro ntarengwa kw'ikinga uva ku Musenyi uja ku Mpanda canke uva ku Mpanda uja ku Musenyi ✍️ Musitanteri w...
19/02/2025

💵 500 Fbu : Igiciro ntarengwa kw'ikinga uva ku Musenyi uja ku Mpanda canke uva ku Mpanda uja ku Musenyi

✍️ Musitanteri wa Komine intara ya yabisohoye mw'itangazo kuri uno wa 18 Ruhuhuma 2025

💬 Nibitanga Nadine amenyesha ko uwuzorenga kuri iyo ngingo azohanishwa gupfungwa hamwe n'ihadabu ry'ibihumbi 20 kuduga.

N'ayo uwutazoshobora kuyubahiriza azoca araba ahandi aja gukorera 🚴

☝️ Abajejwe umutekano basabwe gukurikirana neza ishirwa mu ngiro ry'iyo ngingo

📸 : DR

🔴 Vaticano yahagaritse ubutumwa papa Francisko yari afise mu mpera z'ino ndwi kubera ko akiri mu bitaro⛪ Yorongoye ibiro...
19/02/2025

🔴 Vaticano yahagaritse ubutumwa papa Francisko yari afise mu mpera z'ino ndwi kubera ko akiri mu bitaro

⛪ Yorongoye ibirori vyo kwipfuriza umwaka mweranda Ekleziya Katorika

👉 Kuwa gatanu w'indwi iheze itariki 14/02/2025 niho uyo mu Papa w'imyaka 88 yinjira ibitaro aho ariko avurirwa indwara zifatira mu bihimba bifasha guhema.

🫁 Mw'itangazo za Vaticano bavuga ko Papa Francisko arwaye umusonga mu mahaha yompi (shorturl.at/J6Dhh)

🫣 Amarira, agahinda, amaganya mu bahora badandariza muri Galerie Diko  "Ibaye incuro ya gatatu mpishiriza ibidandazwa mu...
19/02/2025

🫣 Amarira, agahinda, amaganya mu bahora badandariza muri Galerie Diko

"Ibaye incuro ya gatatu mpishiriza ibidandazwa mu masoko". Ayo n’amarira y’umukenyezi Rukundo Neema.

Ati : “Ubwambere hari mw'isoko nkuru ya Bujumbura mu 2013, muri Galerie Diko narahaburiye mu 2016 none n'uyu musi ndongeye guhisha utwanje twose."

N’agahinda kenshi yongeye ati: "Nari natse ingurane y'agatahe kangana na 1.500.000 mw'ishirahamwe none ibidandazwa vyose bihiriye ngaha ntaco nokoye. Jewe nd'umupfakazi mfise umuryango aha niho nahora nkura akarasiyo none raba ibibaye dusigaye imbokoboko."

🙌 Ubwishingizi nibwo twizeye ko buzodutabara

"Jewe narimfise ubwishingizi (assurance) bw'ibidandazwa vyanje mw'ishirahamwe Socabu. Ndarindiriye ndabe ko nzoshumbushwa n'iri shirahamwe ariko naho biruko twahomvye bihagije kuko ntaco nokoye umuriro wari mwishi cane."
Mu kababaro kenshi umushingantahe N.A ati: "Ntaco twosaba Reta kuko iyo habaye ibi vyago twama twemerewe gufashwa ariko biherera mu majambo gusa. Ikinteye umubabaro n'uko bizongora gusubira kuronka imbuga nkorerako na rirya n'isoko nkuru yahiye itarasubira kwubakwa."

Nyambere Tharcisse yahora aranguza ibidandazwa bitara bike yagize ati: "Nahash*tse hakiri kare ariko vyanse ko nugurura kubw'umucanwa mwinshi cane. Nahahishirije ibidandazwa biri mu mafaranga y'amarundi arenga umuriyaridi kuko nari maze imyaka ibiri nkorera ngaha. Nari nazanye umutahe w'imiriyoni amajana ane ubu yari yarungutse cane kuko nari mfise abakiriya benshi cane."

😠 Abadandaza batobato bari mu mwiheburo

Bamwe muri abo banyagihugu bari bafise amadeni yo muri banki bagasabo ko banki zitobafatira ibihano canke zibishuze agasakisaki mu gihe utwabo twose twaguye muri uyo muriro.
Bati: "Iyo ibi vyago bibaye abadandaza batobato nitwe tuhahombera cane kuko tutaba dufise ubwishingizi nk'abandi badandaza bafise imitahe minini. Bobo baba bafise ubwishingizi barashumbushwa. Twosaba ko twofashwa tukaronswa ingurane tudatanga inyungu kugira tubandanye turondera ikitubeshaho."

Mwomenya ko agaciro kivyahiriye muri iri sanganya bitaramenyekana ndetse nicateye uyo muriro.

🎤 Musomyi, ubona ari iki cokorwa ngo iyi miriro ituzwe ?

[🔴AMAKURU Y'AKA KANYA] Igituro c’amabisi yunguruza abantu abajana mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura yimuriwe imbere ...
19/02/2025

[🔴AMAKURU Y'AKA KANYA] Igituro c’amabisi yunguruza abantu abajana mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura yimuriwe imbere ya Cathédrale Regina Mundi.

✍️ Ni inyuma y’uko hari ibikorwa vyo kwubaka uruzitiro ku nyubakwa Galerie Diko yaraye ihuye n’isanganya ry’umuriro muri iri joro ryakeye. Iherereye mu gisagara ca impande y'igituro c'amabisi aja mu bumanuko bw'igisagara neza na neza ifatanye na Galerie Hakizimana, ikarabana n'ahari icicaro gikuru c'ibanki .

Sasaba z'i Bujumbura 😶‍🌫️
19/02/2025

Sasaba z'i Bujumbura 😶‍🌫️

😞 Galerie Diko yaraye ihiye iratokombera...🏢 Iyo tuvuga, iherereye mu gisagara ca   impande y'igituro c'amabisi aja mu b...
19/02/2025

😞 Galerie Diko yaraye ihiye iratokombera...

🏢 Iyo tuvuga, iherereye mu gisagara ca impande y'igituro c'amabisi aja mu bumanuko bw'igisagara neza na neza ifatanye na Galerie Hakizimana. Irabana n'ahari icicaro gikuru c'ibanki BCB.

Muti vyagenze gute ?

🔥 Uwo mucanwa wadutse muri iri joro ryakeye ry'uwa 19/02/2025 guhera igihe c'isaha umunani z'ijoro n'iminota 45 (02h45).

🚒 Igiporisi kijejwe kuzimya nticatevye kuko inyuma y'iminota 5 cari camaze kuhashika naho ataco cashoboye kurokora kuko umucanwa wari mwinshi cane k'urugero rutanganje nk'uko twabibwiwe n'abari bahari.

👉 Muri iyo mpanuka, umuntu umwe rudende niwe yashoboye kurokora ivyo yadandaza ndetse atabaza igiporisi yongera arahamagaza n'abadandaza bagenzi bahakorera.

Igihe twahashika, indongozi zitandukanye zari zamaze kwishikira ahabereye iryo sanganya uhereye kuri Musitanteri wa komine Mukaza Florent Nkezabahizi, igiporisi kijejwe gukinga impanuka, abakozi ba Croix Rouge...

📠 Abadandaza bagize ico barokora bariko barimura utwo barokoye abandi n'abo bariko bararaba ko atavyoba bitafashwe ngo bavyimure.

Aho hahora Galerie Diko ubu hariko harazitirwa hakoreshejwe amabati nk'uko twavyiboneye.

🚌 Igituro c'amabisi aja mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura cabaye kirimukira kuri "Palais des arts" imbere y'ibiro vy'ishirahamwe Onatel.

👑 Miss Burundi yagumanye ikirango (logo) n'imbuga vyahahora Ishirahamwe   ryatsindiye gutunganya ihiganwa ry'umukobwa mw...
19/02/2025

👑 Miss Burundi yagumanye ikirango (logo) n'imbuga vyahahora

Ishirahamwe ryatsindiye gutunganya ihiganwa ry'umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge mu ryaraye rimenyesheje ko rigiye kubandanya rikoresha ikirango cahahora ndetse n'imbuga zari zihasanzwe.

Mbega ihiganwa rya Miss Burundi ryoba ritunganije gute ?

👈 Umwaka w'2024 wararangiye iryo higanwa ritabaye. Ku wa 6 Munyonyo 2024, Ubushikiranganji bw'ubudandaji bwaciye bushiraho umugwi utora ishirahamwe ryosubirira SS Entreprise ryari rimaze imyata 3 ritunganya iryo higanwa. Ico kibanza catsindiwe n'ishirahamwe ku wa 20 Kigarama 2024. Ntivyatevye ryaciye rija ku bikorwa, rizana n'impinduka

📌 Impinduka ya mbere yabaye guhindura ikirango

Inyuma y'imisi ibiri gusa, ku wa 22 Kigarama 2024, Ingomag yari ishize ahabona ikirango gishasha c'ihiganwa rya Miss Burundi haranatunganywa n'imbuga nshansha. Ico gihe, abatunganya iryo higanwa bamenyesheje ko batashoboye kuronka uburenganzira bwo kubandanya bakoresha izari zihasanzwe.

📌 Ihiganwa ryo gushushanya ikirango gishasha

Inyuma y'uko ico kirango kitakiriwe neza, kuva ku wa 27 Kigarama 2024 gushika ku wa 2 Nzero 2025, ishirahamwe Ingomag ryaratunganije ihiganwa ry'ikirango gishasha. Mu barenga 260 bahiganwa, agashimwe k'umuriyoni w'amafaranga w'amarundi katahiye inzu ikora ivyo gushushanya "Kuziko Burundi "

📌 Impinduka mu ntunganyo y'ihiganwa, ubushimwe...

Ku vyari bihasanzwe, hatorwa abigeme 4. Uwegukana urugori, ivyababa vyiwe 2 hamwe n'uwakunzwe na benshi bita Miss Popularity. Yamara ubu, mu bazotorwa, hariyongereyemwo umwigeme w'iterambere(Miss Développement)

Ku bijanye n'ubushimwe, uwutahukanye ikamba rya azoronswa imodoka ikoresha umuyagankuba, imiriyoni 25 z'amafaranga y'amarundi no kumushigikira mu mu gambi wiwe. Icababa ca mbere azoronka imiriyoni 15 n'utundi turusho, icababa ca kabiri imiriyoni 10 n'ibindi, Miss Development aronke imiriyoni 10 nayo aronswe imiriyoni 5

📌 Ibikorwa vy'ihiganwa biza vyaratanguye

Kuva kw'igenekerezo rya 20 Nzero gushika ku rya 15 Ruhuhuma 2025, Abipfuza kwitoza barahamagajwe. Abigeme bagera kw'105 nibo bashoboye kwiyandikisha. Bitegekanijwe ko mu gice ca kabiri c'iryo higanwa hazotorwa abigeme 50 bazoserukira intara 5 mu ntunganyo nshasha y'igihugu.

✍️ Ihiganwa ryo ku rwego rwa nyuma (Final) rizobera mu gisagara ca Bujumbura ku wa 25/7/2025.

👀 Tugume twitega bishasha ?


19/02/2025

🤼 "Abahungu turakina mu myimenyerezo ariko hageze amahiganwa tugahura n'abandi bakobwa"

🥋 Ikiyago na Kanyamuneza Signoline umurundikazi afise imidari myinshi muri Judo…

🔴 Ikibazo c'umutekano ku mugabane : kimwe mu bintu bikuru Prezida João Lourenço wa Angola na Prezida Evariste Ndayishimi...
19/02/2025

🔴 Ikibazo c'umutekano ku mugabane : kimwe mu bintu bikuru Prezida João Lourenço wa Angola na Prezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi bagiye kwihutira

✍️ Kuva kuwa gatandatu uheze, Inama y'Abakuru b'ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika iramutswa indongozi zishasha.

🇦🇴 Umunya-Angola João Lourençon niwe agiye kuyirongora ikiringo c'Umwaka wose. Evariste Ndayishimiye, Umukuru w'igihugu c'Uburundi niwe azoba ari icegera ciwe ca mbere. Azoraba ahanini igice ca Afrika yo hagati, harimwo n'akarere k'ibiyaga binini karimwo ukutumvikana muri kino gihe.

👌🏽 Mu vyo biyemeje abo bompi, harimwo kuzokwitwararika ikibazo c'Umutekano. Gushika uyu musi, Prezida Lourençon niwe yari afise mu minwe ikibazo co kwumvikanisha indongozi za Kinshasa na Kigali, aho umwe yagiriza uwundi kuba isoko ry'ibibazo biri mu buseruko bwa RD Congo. Yamara gushika ubu, umuti w'ibiganiro nturashika kw'ihangiro ryawo.

📌 Mu nama iheruka yahuje imiryango ya EAC na SADC yiga ku kibazo c'umutekano muke urangwa mu buseruko bwa RD Congo, bimwe muvyo bash*tseko abayitabiriye ni uko hoza n'abandi bahuza baturutse mu mpande zitandukanye za Afrika kwunganira abari bahasanzwe.

👀 Kuba Umukuru w'igihugu agiye kuraba akarere ka Afrika yo Hagati hari akunguko bizozana ?

🪖 "Amakuru avuga ko igisirikare c'Uburundi cavuye muri Congo siyo"❌ Ivyo bishikirizwa n'umuvugizi w'igisirikare Général ...
18/02/2025

🪖 "Amakuru avuga ko igisirikare c'Uburundi cavuye muri Congo siyo"

❌ Ivyo bishikirizwa n'umuvugizi w'igisirikare Général de Brigade Gaspard Baratuza. Mu butumwa ahejeje gucisha ku rubuga rwiwe rwa X kuri uyu mugoroba wa 18/02/2025, yagize ati: "Amakuru yanditswe n'ikinyamakuru c'abongereza Reuters akanakwiragizwa ku mbuga hwaniro ni ibihuha"

🔸 Yabandanije ati: "Ingabo z'Uburundi zibandanya kurangura ubutumwa zijejwe mu burere zarungitswemwo muri ."

👎🏿Ivyo avyiyamirije inyuma y'aho ikinyamakuru Reuters candikiye inkuru ivuga ko abasirikare b'Abarundi basokoye bakava muri RDC bitewe n'uko ibisigara vya na vyigaruriwe n'abagwanyi ba bifatanije n'ihuroro

🇷🇼❌🇧🇪| Urwanda rwahagaritse imigenderanire n’Ububirigi mu bijanye n’iterambere📄 Itangazo ry’Ubushikiranganji bw’Imigende...
18/02/2025

🇷🇼❌🇧🇪| Urwanda rwahagaritse imigenderanire n’Ububirigi mu bijanye n’iterambere

📄 Itangazo ry’Ubushikiranganji bw’Imigenderanire ryagiriza Ububirigi ko “bukora igikorwa, bufatanije na Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo, kigamije guhungabanya uburyo Urwanda ruronkamwo amafaranga ashigikira iterambere”

✍️ Reta y’Urwanda yibutsa ko“gufashanya mw’iterambere bitegerezwa gushingira ku kwubahirizanya hagati y’ibihugu” .

👇 Itangazo muri 'commentaires'

🔴   na   : ikibazo c’ifumbire kivuza ubuhuhaAbarimyi bo mu ntara ya Karusi babwiye Iris News ko bamaze iminsi baja guton...
18/02/2025

🔴 na : ikibazo c’ifumbire kivuza ubuhuha

Abarimyi bo mu ntara ya Karusi babwiye Iris News ko bamaze iminsi baja gutondera umwavu wa “Imbura” ariko ngo ntibawuronswe. Ivyo babishikirije kuri uyu wa 18 Ruhuhuma 2025.

Bagira bati: “Batubwira ko umwavu washiste twoja kuwutondera ku ma zones ntituwuronka n’uwobazanye ntudukwira haronka bamwe abandi bagataha. N’uwuronse ntaronka wose kuwo yarihiye.”

Mu ntara ya Gitega naho nyene vyifashe nabi. Abo twasanze aho umwavu uriko uratangirwa ku mazone ya Mubuga muri komine Gitega na Kiriba muri Giheta, abenegihugu twasanze bicaye barindiriye uyo mwavu

Nabo kandi bagira bati: “Tumaze iminsi itatu dutonda umwavu tutaronka tukiyumvira ku mutima ko uwo mwavu ubaho canke utabaho. Tubiravye turabona ko ibikorwa vyacu biriko birononekara kuko umwanya wose dufise tuwuta mugutondera iyo fumbire.”

✍️ Umwavu urahari, ikibazo ni ubwinshi bw’awukeneye hamwe no kuwunguruza

Abajejwe gutanga Iyo fumbire kwayo mazone bamenyesha ko umwavu mu bubiko baba bawufise. Ikibazo : abarimyi bawushaka ni benshi cane. Umwavu baba bafise rero nngo ntushobora kubakwira uca uhera abaje kuwutondera ntibawuronke bose.

Uwujejwe uburimyi mu ntara ya Gitega Oscar Uwikunze agasaba abarimyi ko uwuje gutora ifumbire, yasavye imipfuko ibiri ko yotahana umwe kugira abe araja gutera mukurindira ko uyundi mwavu ushika kugira ntibate umwanya. Akabahumuriza ko umwavu uhari ko hari ikibazo co kuwunguruza gusa

Abo barimyi bagasaba Reta ko yokora ibishoboka vyose mugufasha umwavu ushikire abenegihugu kuko ngo igihe kiriko kirabajana ahandiho ngo umwimbu w'impeshi ngo uzoba ikibazo bivuye kwiteba ry”uyo mwavu.

Aho iwanyu agafumbire karaboneka?

👌🏽 Ku ncuro ya mbere hagiye gusohoka "Album" y'indirimbo 12 zikozwe mu midiho k**a w'Amaká n'urudēmēra👉 Urwo rukurikiran...
18/02/2025

👌🏽 Ku ncuro ya mbere hagiye gusohoka "Album" y'indirimbo 12 zikozwe mu midiho k**a w'Amaká n'urudēmēra

👉 Urwo rukurikirane rwiswe "Urugendo" rugiye gusohorwa n'umuririmvyi akaba n'umukinyi w'ivyese Arthur Banshayeko benshi bamenye kw'izina rya Arthur Ban na Kamoteri.

Azorushira ku mugaragaro kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma, mu kigo c'akaranga "Centre Culturel Izuba", guhera igihe c'isaha cumi na zibiri z'umugoroba (18h00). Kwinjira muri iki giteramo n'uko kwinjira ari ku buntu🫰🏻

🎙️ Mu kuganiro n'abamenyeshamakuru Artur Banshayeko yarahishuye imvo n'imvano yo gukorera kuri iyi midiho :

"Ico abarundi twomenya n'uko umudiho k**a w'umuziki ndundi uhari. Jewe nahisemwo iyi midiho ibiri kuko yose urashobora kuyikoresha mu kuririmba indirimbo zo mu bihe bitandukanye, vy'aba ivy'umunezero canke mu mubabaro ndetse no mu bindi bihe. Iyi midiho yose iramfasha guserura ivyiyumviro vyanje ukuri kwamye."

🤔 Ubwo bizokworoha ko atari irya mbere tubonye ibisa nk'ivyo ?

Arthur Ban yishuye ati : "Kenshi na kenshi ikigora twebwe abaririmvyi b'abarundi n'uko tugira ubwoba bikatugora kwihambirira ku bintu gushika ush*tse aho ushaka. Jewe ndafise iryo pfa ryo kwihambirira ku gikorwa gushika nsh*tse aho nshaka kandi ico nshima n'uko na bamwe mu baririrmvyi bakomeye bamfashije muri iki gikorwa ndiko ndakora kandi nizera ko ico dushaka tuzogishikako kuko ndemeza ko abaririmvyi b'abarundi dufashanya kandi dukundana"🤌🏼

🗣️ Ku bamenyeshamakuru Banshayeko abasaba gukora ibiganiro biteza imbere umuziki mu kuza barazivuza. Ngo ni navyo bizotuma zimenyekana no mu makungu.

✍🏿 Nayo kuba yahora ari umukinyi w'ivyese ariko ubu agiye kubifadikanya no kuririmba Arthur Ban ngo ntangaruka bizomugirako kuko yarasanzwe abifadikanya kandi n'ubu azobandanya muri iyo nzira nyene.

⬅️ Tubibutse ko Abaririmvyi b'abarundi bagumye bagerageza gutora kuva kera umudiho k**a w'Uburundi nka Amayaya, AfroNtare n'izindi ariko ugasanga ntibibandanije canke ntibabihurizeko.

👀 Twitege umudiho wo nyawo ?

Basomyi ba Iris News mwiriwe 🙌🏾✍🏾 Abishuye neza imbere y'abandi mu kibazo co kuri uyu wa 17/02/2025 muri   ni: Peniella ...
18/02/2025

Basomyi ba Iris News mwiriwe 🙌🏾

✍🏾 Abishuye neza imbere y'abandi mu kibazo co kuri uyu wa 17/02/2025 muri ni: Peniella Alixe Gateka, Talec Iteriteka na Dior Kharlich Nkurunziza.

👏🏾 Tubasavye bace batwandikira ubutumwa aha kuri Facebook tubaronse ubushimwe bwabo.

🔜 Ikibazo gikurikira ni ku wa 24/02/2025. Abipfuza kuzogihiganirwa mube murarindirira hano 👉🏾 https://whatsapp.com/channel/0029Va62I1fKmCPViTDHKX1L

🤌🏼 'Abarundi nibatekane, nta gitero kiriko kiraza mu Burundi' - Martin Niteretse, Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ...
18/02/2025

🤌🏼 'Abarundi nibatekane, nta gitero kiriko kiraza mu Burundi' - Martin Niteretse, Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo umutekano

👆Yabishikirije ejo hahise mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku kibazo kijanye n'abanyekongo bariko binjira ku bwinshi mu bahunga intambara iri mu duce babamwo.

Martin Niteretse asaba abarundi muri rusangi kudaterwa ubwoba n'intambara iri muri Congo.

🎙️ Ati : "Ntihagire umuntu aguma agira ubwoba ngo turagowe...oya. Hari ama 'réseaux sociaux' umenga afise umugambi wo kuguma atera ubwoba abarundi, ngo muragowe, muratewe... nta gitero kiriko kiraza mu Burundi."

✍️ Iryo humure rikurikiye iryari ryashikirijwe n'Umukuru w'igihugu ku w'Imana uheze aho yavuze ko yavuganye n'abagenzi b'igihugu c'Urwanda bamumenyesha ko ata gitero kiriko kiraba ku Burundi.


🇻🇦👨‍⚕| I Vaticano, abaganga bajejwe amagara ya Papa Francisko bamenyesha ko bashaka kumuhindurira imiti kugira bahashe i...
18/02/2025

🇻🇦👨‍⚕| I Vaticano, abaganga bajejwe amagara ya Papa Francisko bamenyesha ko bashaka kumuhindurira imiti kugira bahashe indwara ijanye n'uguhema agwaye

🔬 Bamenyeshako ibipimo vyakozwe kuri uyu wa mbere ku ndwara y'igisebuzi yafashe Papa mu nzira z'ihemero vyerekanye ko ari indwara y'urusobekerane bikenewe ko aguma mu bitaro mu gihe kibereye.

🏥 Papa Francisko amaze indwi irenga arwaye, ku wa gatanu niho yinjizwa ibitaro vya Gemelli vy'i Roma.

🎙️ Umuvugizi wa Vaticano Matteo Bruni avuga ko gushika ubu uwo mwungere wa Ekleziya Katorika ashwashwanutse. Avuga ko ayandi makuru y'uko Papa yifashe, azobandanya atangwa.

👉 Abaganga bajejwe Papa imbere y'aho, bari bategetse ko aguma aruhutse bituma adashobora gushikiriza igisabisho ciwe ca buri wa mungu aho abantu baba baje gushengera mu kibanza ca Petero Mweranda.

Inkomoko : https://shorturl.at/tc9My

Abakunzi ba   Valentine's Day yanyu irageze. Yora ubushimwe 🆕 N'uyu musi bigenda nk'ubuherutse ⤵️1⃣ Injira muri chaîne W...
17/02/2025

Abakunzi ba Valentine's Day yanyu irageze. Yora ubushimwe

🆕 N'uyu musi bigenda nk'ubuherutse ⤵️

1⃣ Injira muri chaîne WhatsApp ya Iris News uciye hano 👉🏿 https://whatsapp.com/channel/0029Va62I1fKmCPViTDHKX1L

2⃣ Mu minota itanu (ni kuvuga 18h05 min) niho duca dushira ikibazo

3⃣ Uhejeje gusoma ico kibazo uce ugaruka utange inyishu muri commentaire aha kuri Facebook

🙌 Amahirwe masa...

Address

Avenue Du 18 Septembre
Bujumbura

Opening Hours

Monday 08:00 - 16:00
Tuesday 08:00 - 16:00
Wednesday 08:00 - 16:00
Thursday 08:00 - 16:00
Friday 08:00 - 16:00
Saturday 01:00 - 19:00

Telephone

+25777579809

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Iris News posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Iris News:

Videos

Share

Category