17/02/2023
MENYA
Ntimupfe kwambara costume ncuti zanje basomyi bahire;
NG'AYO AMATEGEKO AGENGA UMWAMBARO W'IKOTI ( COSTUME) :
1. Ntugende urarya ivyo ubonye vyose kw'ibarabara nk'amavoka, ibijumbu vyokeje, ibigori bitetse n'ivyokeje, ubuswage n'ibindi.
2. Ntugende uraramutsa uwo ari we wese, uraramutsa umuntu mu kumupepera ukuboko, ntuzovuge cane.
3. Ni wagenda mu rubanza, ntuzorye ivyo ari vyo vyose: urazorisha ifurusheti.
4. Ntuzonywe inzoga banywesha igikobwe nk'imvuzo, ubusyano n'urwarwa rusanzwe. Uranywa izifundikiye.
5. Mu gutambuka urashira ukuboko kumwe mu mufuko ukundi kugumye foni.
6. Mu gufungura ntuzokombe isahani, urasigaza bikeyi kw'isahani.
7. Ntuzoje uravuga amajambo menshi nk'inyomvyi y'ubuca.
8. Ntuze wambarire costume ku birato vyera nka suplesi, raba, n'ibindi. Urambara ivyirabura bimeze neza.
9. Costume ntuzoyisobeke.
10. Munsi ya costime, urambara ishati rigoroye, ryera.
11. Ntuzogende wihuta nk'uwugiye kurema isoko y'umugoroba: uratambuka bukebuke.
12. Ntuzogende ugaye canke wifumbereje: urazotambuka nk'uwahimvye amafranga, yagendeye mu ndege no mu miduga kera.
13. ntuzogendere impera yibarabara muguca muvyaci uragendera hagati nahagati.
14. Ntuzokwimweshe kiduku, jogo, agacube... urimwesha igipara.
15. Ntuzocomeke ipantaro mu birato.
16. Ntuzogende uratwenga aho ush*tse hose.
17. Ntuzoniganire ivyo kurya canke inzoga.
18. Ntuze winjire mu kabare badandazamwo ubuheke.
19. Ntuzogure igikoba c'ingurube.
20. Urahiga agatambara kameze neza, uzoje uruhanagura akayashu.
21. Ntuzohekenye imyumbati, ibiyoba, ibijumbu...
22. Ntuzoshire ibintu mu mufuko ngo bitune: urashirayo amahera gusa.
23. Ntihaze hagire ibintu wikorera ku mutwe canke ngo utware mu ntoke atari foni gusa.
24. Ntuzokwambare ibinyangari vyinshi mw'izosi no ku kuboko: urambara isaha gusa.
25. Ntuzogende wanitse amenyo hejuru canke wasamye: urafunga umunwa.
26. Ntuzogende uhengamye: uragororoka neza.
27. Ntuzogume uvuga ikirundi, uzoze uravuga agafaransa n'akongereza.