Irebe FM

Irebe FM Irebe Radio FM est une radio qui promeut la culture et l’art burundais– dans toutes leurs facettes.
(3)

Irebe Radio FM est une radio qui promeut la culture et l’art burundaise – dans toutes leurs facettes.

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'Igihugu,bimenyeshako Umutambukanyi w'Umukuru w'Igihugu Nyenicubahi...
22/11/2023

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'Igihugu,bimenyeshako Umutambukanyi w'Umukuru w'Igihugu Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yafashe urugendo kuri uyu wa Gatatu , rumushikana muri Aho yitavye ubutumire bwa mugenziwe Umupfasoni Rachel Ruto mubirori bise "Joyful women Thanksgiving".

Uruhara rw'amashirahamwe adaharanira inyungu za politique mw'iterambere ry'igihugu👉 Mw'ishirwa Mu ngiro ry' mugambi w'um...
22/11/2023

Uruhara rw'amashirahamwe adaharanira inyungu za politique mw'iterambere ry'igihugu

👉 Mw'ishirwa Mu ngiro ry' mugambi w'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ,Uburundi bwifashe muri 2040 ,igihugu giteyimbere muri 2060,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique abifisemwo uruhara rukomeye.

Nkuko vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Munyonyo 2023 n'uwurongoye ishirahamwe OLUCOM mu ruganda rwo kurabira hamwe uruhara rw'amashirahamwe yigenga mur'uwo mugambi, Gabriel Rufyiri avuga ko kuva uwo mugambi ugiye ahabona muri Reta, barabahamagaye kugira batange intererano,ubu ngw'ayo mashiramwe ariko arategura igitabo bise PND kizoba kirimwo ivyiyumviro bishigikira za nkingi zine ziri mur'uwo mugambi w'umukuru w'igihugu Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye.

Uwo arongoye OLUCOM asaba abarundi Bose gushikira uwo mugambi kugira uzoshikane abarundi kw'iterambere rirama.

fm
Wacu

22/11/2023

k' uburundi

Ikiganiro mushikirizwa na Yves Karekezi

Umutumire ni Corneille Nimpagaritse

Mbega imanza z'ugusaba umugeni zakorwa gute
k'uruhande rw'umusore canke k'uruhande rw'inkumi?

Uruherekerane rw'amajambo ruba rutonze gute ?
Umworosha w'urubanza akora gute ?

📞69075075



k' uburundi

Mudukurikirana kandi biciye kuri : www.irebefm.com

Telecharge application Irebe FM

Live streaming by Blaise Polin Ingabire

Itangazo ry'ishirahamwe ry'abaririmvyi mu     inyuma y'urupfu ry'abaririmvyi   na   _Mix.
21/11/2023

Itangazo ry'ishirahamwe ry'abaririmvyi mu inyuma y'urupfu ry'abaririmvyi na _Mix.

Mbega imanza z'ugusaba umugeni zikorwa gute ? k'uruhande rw'umusore canke  k'uruhande rw'inkumi uruherekerane rw'amajamb...
21/11/2023

Mbega imanza z'ugusaba umugeni zikorwa gute ?
k'uruhande rw'umusore canke k'uruhande rw'inkumi uruherekerane rw'amajambo ruba rutonze gute ?

Umworosha w'urubanza akora gute ?ivyo n'ibindi ni mu kiganiro akaranga K'uburundi co kuwa 22 Munyonyo 2023,Aho tuzoba turikumwe n'umutumire .

📞69075075.
website : www.irebefm.com kubakoresha android naho murashobora gu telechargea application Irebe Fm 📻 turi live kuri facebook Irebe FM

 🎤  niwe mutumire ejo igenekerezo rya 22 Munyonyo 2023 mu kiganiro   👉Ariko kandi tubafitiye amakuru menshi tuzobashikir...
21/11/2023



🎤 niwe mutumire ejo igenekerezo rya 22 Munyonyo 2023 mu kiganiro

👉Ariko kandi tubafitiye amakuru menshi tuzobashikiriza ariko aravugwa mubakora ibikorwa mvabwenge

📞 69075075

Murashobora kandi kudukurikirana muciye kuri www.irebefm.com

21/11/2023

Ikiganiro c'inkino co kuwa kabiri igenekerezo rya 22/11/2023

Reta y’Ubushinwa yemeye gutanga ingabire y’amadorare ya Amerika angana na 1.500.000, yo gushigikira umugambi wo gufungur...
21/11/2023

Reta y’Ubushinwa yemeye gutanga ingabire y’amadorare ya Amerika angana na 1.500.000, yo gushigikira umugambi wo gufungurira abana ku mashure.

Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21Munyonyo 2023 n’uwuserukira ico gihugu mu Burundi Zhao Jiangping, inyuma y’umubonano yahawe n'umutambukanyi w'umukuru w'Igihugu Nyenicubahiro Angeline NDAYISHIMIYE, asanzwe ahagarikiye uyo mugambi.

Bellard Igirubuntu n'umwe m'urwaruka asanzwe akahiriza  ubumenyi ,abavyipfuza bose mu rurimi rw'icongereza .Azoba yaramu...
21/11/2023

Bellard Igirubuntu n'umwe m'urwaruka asanzwe akahiriza ubumenyi ,abavyipfuza bose mu rurimi rw'icongereza .

Azoba yaramutse atubereye umutumire mu mu kiganiro urwaruka turahoboye co kuwa 21 munyonyo 2023
📞 69075075
website : www.irebefm.com kubakoresha android naho murashobora gu telechargea application Irebe Fm 📻 turi live kuri facebook Irebe FM

  YANJE🎤   2 niwe mutumire wo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Munyonyo 2023 mu kiganiro   Yanje ✍️Hagati yaho tuba...
20/11/2023

YANJE

🎤 2 niwe mutumire wo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Munyonyo 2023 mu kiganiro Yanje

✍️Hagati yaho tubafitiye amakuru menshi tuzobashikiriza ariko aravugwa mu gisata c'imyidagaduro

📞 69075075

Murashobora kandi kudukurikirana muciye kuri www.irebefm.com

  YANJE &  👉Izi nizo ndirimbo cumi (10) ziri mw'ihiganwa twise   y'ino ndwi turimwo itariki 20 Munyonyo 2023 ✍️Tora indi...
20/11/2023

YANJE &

👉Izi nizo ndirimbo cumi (10) ziri mw'ihiganwa twise y'ino ndwi turimwo itariki 20 Munyonyo 2023

✍️Tora indirimbo wipfuza ko yoba iyambere (1) mur'ino ndwi turimwo, hama ishobore kuronka amahirwe yokuja mw'ihiganwa z'indirimbo y'ukwezi

➡️Urashobora gutora uciye muri . Ariko kandi amatora abera kuri & ya fm kur'iyo post nyene ya

🥳Tubibutsa yuko indirimbo izoshobora kuba iyambere (1) buri kwezi na buri mwaka izoshobora guhabwa udushimwe dushimishije🔥. Ariko kandi kuva kuya kabiri (2) gushika kuya gatatu (3) nazo nyene zizoshimirwa💃

Mur'ico kiganiro muzohumvira n'ayandi makuru menshi cane.
🔥shishikara uha amahirwe indirimbo zose wipfuza uzokwama ubona mw'ihiganwa bur'indwi

www.irebefm.com


 Ikaze mukiganiro co kuri uyu wambere utangura indwi.Mumakuru tuza kubashikiriza harimwo aya Olegue ,  , Mista Champagne...
20/11/2023



Ikaze mukiganiro co kuri uyu wambere utangura indwi.

Mumakuru tuza kubashikiriza harimwo aya Olegue , , Mista Champagne n'abandi benshi.

Turaza kandi kwakira kandi umuririmvyi Mt number one aho aheruka gusohora indirimbo yitwa .

www Irebefm.com/radio-live

Tubahaye ikaze mu kiganiro c'inkino c'uno munsi wa mbere aho tuza kuyaga ku migwi nserukiragihugu yacu ndetse no ku migw...
20/11/2023

Tubahaye ikaze mu kiganiro c'inkino c'uno munsi wa mbere aho tuza kuyaga ku migwi nserukiragihugu yacu ndetse no ku migwi ikina ihiganwa ry'icicaro ca mbere (Primus ligue Burundi) turi kumwe n'umutumire umumenyeshamakuru Arsène Mukunde.

Isaha :Imwe y'ijoro gushika isaha zitatu (19h à 21h)

📻Irebe FM 91.4Mhz
www.irebefm.com
Live streaming(facebook) : Kermey

Abahagarikizi 2 mpuzamakungu aribo Iratunga souavis hamwe na Bangurambona Fides bari mu bahagarikizi bahagarikiye urukin...
20/11/2023

Abahagarikizi 2 mpuzamakungu aribo Iratunga souavis hamwe na Bangurambona Fides bari mu bahagarikizi bahagarikiye urukino rwanyuma rw'igikombe gihuza imigwi yabaye iyambere iwabo ( champion's league) k'umugabane wa Afrika mu bigeme.
Urwo rukino rwabereye mu gisagara ca Abija rwahuza Mamelodie na SC Casablanca aho Mamelodie yatwaye igikombe utsinze 3 kubusa.

Uru nirwo rutonde rw'abakinyi b'uburundi bagiye gutangura mu kibuga mu rukino rugira ruduhuze n'igihugu ca Gabon Isango:...
19/11/2023

Uru nirwo rutonde rw'abakinyi b'uburundi bagiye gutangura mu kibuga mu rukino rugira ruduhuze n'igihugu ca Gabon

Isango:Isaha icenda
📻

Urikino rw'umunsi   vs   Ntimuze gutangwa gukurikira ikibiriraho urukino ruza guhuza umugwi nserukiragihugu Intamba muru...
19/11/2023

Urikino rw'umunsi

vs

Ntimuze gutangwa gukurikira ikibiriraho urukino ruza guhuza umugwi nserukiragihugu Intamba murugamba hamwe n'umugwi w'igihugu ca les .

Isango ni isaha icenda z'umuhingamo
📻 Irebe FM 91.4Mhz no kuri www.irebefm.com

🎙️🎙️
Faustin Ndihokubwayo & Allan Jr Burundi

✝️✝️✝️ Umuririmvyi w'umurundi azwi kw'izina rya   benshi bamenye mundirimbo   ahejeje kwitaba Imana mw'ijoro ryo kuri uy...
18/11/2023

✝️✝️✝️ Umuririmvyi w'umurundi azwi kw'izina rya benshi bamenye mundirimbo ahejeje kwitaba Imana mw'ijoro ryo kuri uyu wagatandatu igenerezo rya 18 munyonyo 2023

itangazo risohowe n'ishirahamwe ryo gusiganwa n'imiduga mu Burundi inyuma y'urupfu Giturumbuka  rya Jean Pascal Giesen r...
18/11/2023

itangazo risohowe n'ishirahamwe ryo gusiganwa n'imiduga mu Burundi inyuma y'urupfu Giturumbuka rya Jean Pascal Giesen rwabereye mu ntara ya Gitega.
Umugwi ujejwe gutegura iryo higanwa umenyeshako uwo muhisi nuwo barikumwe (co-pilote) Yunus Mohamed aribo batahukanye iryo higanwa.

Irebe FM ikaba ihojeje umuryango wabuze n'abakunzi ba Rallye muri rusangi

Inkuru y'umubabaro.Umudereva w'imodoka zariko zirasiganwa mu ntara ya Gitega muri "Rallye de Gitega" Jean Pascal Giesen ...
18/11/2023

Inkuru y'umubabaro.

Umudereva w'imodoka zariko zirasiganwa mu ntara ya Gitega muri "Rallye de Gitega" Jean Pascal Giesen yitavye Imana kuri uyu wa gatandatu ahejeje kwiruka ageze muri komine Bugendana muri iyo ntara.amakuru adushikira nuko yavuye muri iyo modoka yumva atameze neza baca bamunyarukana kwa Muganga aho yahavuye acikanira.
Iryo higanwa rikaba ryaciye rihagarara

Imana imwakire mu bwami bwayo.

Kuri uyu wa gatandatu mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu cicaro ca mbere primus ligue ntibiza kworoha ku bami b'umupira...
18/11/2023

Kuri uyu wa gatandatu mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu cicaro ca mbere primus ligue ntibiza kworoha ku bami b'umupira w'amaguru mu Burundi aribo 'o FC na .

Iyo migwi ikaza gutana mu mitwe uno isaha icenda n'igice ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke.

Muha amahigwe umugwi uwahe ?

Urukino muza kurukurikira ikibiriraho ku nsamirizi Irebe FM 91.4Mhz

website : www.irebefm.com kubakoresha android naho murashobora gu telechargea application Irebe Fm 📻 turi live kuri facebook Irebe FM

✝️✝️✝️Umuririmvyikazi azwi kw'izina rya Miss Erica yitavy'Imana kur'uyu mugoroba mu bitaro   biturutse ku bugwayi.Akaba ...
17/11/2023

✝️✝️✝️Umuririmvyikazi azwi kw'izina rya Miss Erica yitavy'Imana kur'uyu mugoroba mu bitaro biturutse ku bugwayi.
Akaba asize abana 2.

Turahojeje umuryango wiwe nuw'abaririmvyi bose muri rusangi

Ikigo c'igihugu kijejwe gutororokanya no gushira ahabona ibiharuro mfatigwako na ndangashusho mu Burundi INSBU casozerey...
17/11/2023

Ikigo c'igihugu kijejwe gutororokanya no gushira ahabona ibiharuro mfatigwako na ndangashusho mu Burundi INSBU casozereye kuri uyu wa gatanu ukwezi kwahariwe ibiharuro mfatigwako Ku ncuro ya 12 ,hamwe no guhimbaza umusi wahariwe ivyo ibiharuro muri Afrika, Nicolas Ndayishimiye amenyeshako hakozwe vyinshi muri uku kwezi nk'inyigisho zatanzwe haba muri ico kigo hamwe no mubushikiranganji bwose bugize igihugu.
Nicolas Ndayishimiye amenyesha kandiko Reta yabahaye igikorwa co guhimiriza abatanga ibiharuro bongera bahabwa n'uburenganzira bwo gushingura hamwe no gushira ahabona ibiharuro bidakorwa n'ubushikiranganji canke inzego za Reta.
Naho biruko Ndayishimiye arongoye vy'imfatakibanza INSBU avugako bagifise ingorane zo gushira ahabona ibiharuro kugihe bivanye n'igisata aha agatanga akarorero nko kuronka ibiharuro bijanye n'ubukene buri mu benegihugu kuko bukorwa rimwe mu nyaka 5.
Nicolas Ndayishimiye avugako Reta ibahaye uburyo bukwiye, imbono y'umukuru w'Igihugu Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye y'igihugu c'ifashe mu mwaka wa 2040 igihugu c'ishoboye muri 2060 bazoba bash*tse kurugero rushimishije mu mwaka wa 2040.
Kuri uyu wa Kane hari Hatunganijwe urunganda rwo kurabira hamwe iringanizwa ry'igihugu mu duce duto duto kuburyo kamwe kose gaheza umuntu azoba ajejwe kwegeranya ibiharuro ashobora kugaheza mu mwanya muto kandi akagakora neza (Rôle de la cartographie censitaire pour le recensement général de la population, de l'habitat de l'agriculture et l'élevage).
Nicolas Ndayishimiye akaba yamenyeshejeko bafise ibikoresho bigera k'ubihumbi 22 (tablettes) zizofasha kwegeranya ivyo biharuro bikazoca bibikwa k'ubuhinga ngurukana bumenyi.

F.T 🇧🇮1-0🇨🇩Intamba M'urugamba z'abigeme zihejeje kwirahira umugwi w'igihugu ca Congo iharanira demokarasi igitsindo kimw...
17/11/2023

F.T 🇧🇮1-0🇨🇩

Intamba M'urugamba z'abigeme zihejeje kwirahira umugwi w'igihugu ca Congo iharanira demokarasi igitsindo kimwe kubusa.

17/11/2023

:

:
Mbega Birakunda yuko umurundi asanzwe arangurira ibikorwa vyiwe mumahanga ashobora kumenyekanisha imico n'imigenzo y'igihugu ciwe?
Intambamyi baheza bagahura nazo nizahe ?
Hoterwa akamo bande?

www.irebefm.com/radio-live

17/11/2023

RIRASERUTSE

Mbega Birakunda yuko umurundi asanzwe arangurira ibikorwa vyiwe mumahanga ashobora kumenyekanisha imico n'imigenzo y'igi...
16/11/2023

Mbega Birakunda yuko umurundi asanzwe arangurira ibikorwa vyiwe mumahanga ashobora kumenyekanisha imico n'imigenzo y'igihugu ciwe?

Intambamyi baheza bagahura nazo nizahe ?

Hoterwa akamo bande?ivyo n'ibindi ni mukiganiro akaranga k'uburundi co kuwa 17 Munyonyo 2023 kumwe n'umutumire .

📞69075075
website : www.irebefm.com kubakoresha android naho murashobora gu telechargea application Irebe Fm 📻 turi live kuri facebook Irebe FM

Umugwi Nserukiragihugu Intamba mu rugamba uhejeje gutsinda Umugwi Nserukiragihugu wa Gambia ibitsindo 3 kuri 2 mu rukino...
16/11/2023

Umugwi Nserukiragihugu Intamba mu rugamba uhejeje gutsinda Umugwi Nserukiragihugu wa Gambia ibitsindo 3 kuri 2 mu rukino rwo kurondera itike y'igikombe c'isi kizoba mu mwaka wa 2026.urwo rukino rukaba rwariko rubera kukibuga c'itiriwe Benjamin Mkapa kiri Dar es salaam mu gihugu kibanyi ca Tanzanie.
Abakinyi bafashije Uburundi kuronka iyo tsinzi akaba ari Abedi Bigirimana, Frédérik Nsabiyumva batazira Fere hamwe na Sudi Abdallah.
Urukino ruzokurikira Uburundi buzotana mumitwe n'igihugu ca kumusi w'Imana.

Turabakeje!

F.T BURUNDI 3-2 GAMBIE
16/11/2023

F.T BURUNDI 3-2 GAMBIE

🇧🇮 Burundi 3-1 Gambie 🇬🇲Sudi ABDALLAH 75'
16/11/2023

🇧🇮 Burundi 3-1 Gambie 🇬🇲

Sudi ABDALLAH 75'

H.T   2-1
16/11/2023

H.T

2-1

Igice ca mbere giheze   2_ 1
16/11/2023

Igice ca mbere giheze 2_ 1

🇧🇮2-0🇬🇲  31' Abedi BIGIRIMANA35' Fréderic NSABIYUMVAShira agashinge kawe kuri 91.4 MHz ukurikire urukino hagati intamba ...
16/11/2023

🇧🇮2-0🇬🇲

31' Abedi BIGIRIMANA

35' Fréderic NSABIYUMVA

Shira agashinge kawe kuri 91.4 MHz ukurikire urukino hagati intamba M'urugamba n'umurwi nserukiragihugù wa

ku munota wa 34  wurukino Uburundi bugise 2 Ku busa bwa   Igitsindo ca mbere c'uburundi gitsinzwe na  -Abedi icakabiri g...
16/11/2023

ku munota wa 34 wurukino Uburundi bugise 2 Ku busa bwa Igitsindo ca mbere c'uburundi gitsinzwe na -Abedi icakabiri gitsinzwe na

 : Aba nibo bakinyi hatangura mu kibuga kumpande zose mu rukino rugira ruhuze   vs   mu kurondera itike y'igikombe c'isi...
16/11/2023

: Aba nibo bakinyi hatangura mu kibuga kumpande zose mu rukino rugira ruhuze vs mu kurondera itike y'igikombe c'isi. Urukino Ribera kuri Benjamin Mkapa stadium muri


16/11/2023

K' Uburundi

Mushikirizwa na Yves Karekezi

Abaturimire Troupe Akayazwe

Mbega Ururimi rw'ikirundi rufise uruhara
rungana gute mw'itsimbatazwa ry'imico n'akaranga?

Mbega ruhabwa ikibanza kingana gute mumashure yo mu burundi?
Ni bande bahamagarirwa kurunagura?

📞69075075

.
.
.

Mudukurikirana kandi biciye kuri www.irebefm.com

Live streaming by Blaise Polin Ingabire

 : Kenshi  iyo umukobwa yifise canke yigenga mu buzima bwiwe , akibeshaho neza haraho bigorana ko  aronka umukunzi!Mbega...
15/11/2023

: Kenshi iyo umukobwa yifise canke yigenga mu buzima bwiwe , akibeshaho neza haraho bigorana ko aronka umukunzi!

Mbega vyoba biva kuki?
Ivyo bibazo n'ibindi n'ivyo tuzoganirako mu kiganiro "NDAMUKUNDA"co kur'uyu wa 16 Munyonyo 2023.

📞69075075
FM
wacu

website : www.irebefm.com kubakoresha android naho murashobora gu telechargea application Irebe Fm 📻 turi live kuri facebook Irebe FM

Mbega Ururimi rw'ikirundi rufise uruhara rungana gute mw'itsimbatazwa ry'imico n'akaranga?Mbega ruhabwa ikibanza kingana...
15/11/2023

Mbega Ururimi rw'ikirundi rufise uruhara
rungana gute mw'itsimbatazwa ry'imico n'akaranga?

Mbega ruhabwa ikibanza kingana gute mumashure yo mu burundi?

Ni bande bahamagarirwa kurunagura?
ivyo n'ibindi ni mukiganiro Akaranga k'Uburundi co kuwa 16 Munyonyo 2023 Aho tuzoyaga n'abatumire .

📞69075075
.
.
.
www.irebefm.com

Umukuru w'Igihugu ca Somalie ari mu rugendo rwakazi hano mu Burundi, Aho yakiriwe n'umushikiranganji w'imigenderanire y'...
15/11/2023

Umukuru w'Igihugu ca Somalie ari mu rugendo rwakazi hano mu Burundi, Aho yakiriwe n'umushikiranganji w'imigenderanire y'uburundi n'ayandi makungu Albert Shingiro kukibuga c'indege mpuzamakungu Melchior Ndandaye.

Uburyo Bushasha bwo kugwiza umwimbu mu gisata c'uburimyiUmushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi Prosper Dodiko ahamagarir...
15/11/2023

Uburyo Bushasha bwo kugwiza umwimbu mu gisata c'uburimyi

Umushikiranganji w'uburimyi n'ubworozi Prosper Dodiko ahamagarira abantu Bose ,baba abarundi canke abanyamahanga bafise ubushobozi bukwiye baze guhiganirwa isoko ry'amatongo Reta y'uburundi yateguye kugwirizamwo umwimbu mu burimyi.

Ido nido ni mu Kiganiro ''Rima worore ''co kur'uyu wa gatatu aha tuza kubashikiriza ivyavuzwe mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Ni mukanya kuva igihe c'isaha 14h gushika isaha 15h
Kaze!


fm
wacu

15/11/2023

k' uburundi

Abatumire ni Umuvumu Baribanga na Umurondezi Karanga

Mushikirizwa na Yves Karekezi

Mbega aho hambere kwatira Abashingantahe vyagenda gute?

Intahe n' iki?

Uruhara vyari bifise mu kibano nomu gihugu n' urwahe?

Mbega ubu hoho vyifashe gute?

📞69075075





Muradukurikirana kandi kuri www.irebefm.com

Address

Quartier Asiatique, Avenue Ntahangwa, Numéro 33 A
Bujumbura
257

Opening Hours

Monday 05:00 - 00:00
Tuesday 05:00 - 00:00
Wednesday 05:00 - 00:00
Thursday 05:00 - 00:00
Friday 05:00 - 00:00
Saturday 05:00 - 00:00
Sunday 05:00 - 00:00

Telephone

+25776634497

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Irebe FM posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Irebe FM:

Share

Category


Other Radio Stations in Bujumbura

Show All