22/11/2023
Uruhara rw'amashirahamwe adaharanira inyungu za politique mw'iterambere ry'igihugu
👉 Mw'ishirwa Mu ngiro ry' mugambi w'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ,Uburundi bwifashe muri 2040 ,igihugu giteyimbere muri 2060,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique abifisemwo uruhara rukomeye.
Nkuko vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Munyonyo 2023 n'uwurongoye ishirahamwe OLUCOM mu ruganda rwo kurabira hamwe uruhara rw'amashirahamwe yigenga mur'uwo mugambi, Gabriel Rufyiri avuga ko kuva uwo mugambi ugiye ahabona muri Reta, barabahamagaye kugira batange intererano,ubu ngw'ayo mashiramwe ariko arategura igitabo bise PND kizoba kirimwo ivyiyumviro bishigikira za nkingi zine ziri mur'uwo mugambi w'umukuru w'igihugu Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye.
Uwo arongoye OLUCOM asaba abarundi Bose gushikira uwo mugambi kugira uzoshikane abarundi kw'iterambere rirama.
fm
Wacu