SILVA

SILVA Cette page diffuse de l'actualité de culture générale dans des documentaires fraîchement fouillés

🌐🟡⚫Israël- Palestine : imisi 200 intambara itanguyeIntambara yatanguye mw'ijoro ryo ku wa 7 Gitugutu 2023 umusi Hamas yi...
24/04/2024

🌐🟡⚫Israël- Palestine : imisi 200 intambara itanguye

Intambara yatanguye mw'ijoro ryo ku wa 7 Gitugutu 2023 umusi Hamas yinjira muri Israël igahekura igihugu. Iryo joro nyene niho Israël yatanguza opération yise Iron Swords. Abantu bavuye amayira yose baraje bambariye Urugamba baje guhorera benewabo.

Opération imaze guhitana abantu 35,000 harimwo n'abakozi ba ONU 180

Gaza yarabaye amatongo ariko Hamas iracakomeye. Abategetsi bayo benshi bari mu myobo yo muri Gaza, Israël itashoboye gusambura Mw'isi yose huzuye imyimenyerekano ishigikira Palestine ariko Leta z'ibihugu ziguma zipfunga zongera ziburizamwo abategura iyo myirekano

Nk'uko vyari vyitezwe USA yagumye izibira ikoresheje véto ingingo zose zari zije guha ijambo Palestine. Yamara ejo bundi hariyumviriwe gushiriraho ibihano abasirikare ba Tsahal kubera amabi bakoze cane cane muri Cisjordanie. Israël yaciye ikoma induru, nkeka USA Yarabihevye, itabihevye n'aho tuzobona uduhano dutoyi dushobora gufutwa umwanya wose

Mwibuke ko iyi ntambara yatumye Iran n'imigwi isanzwe ifasha( Hezbollah, Houtis,...) basa n'abinjiye mu ntambara. Inyuma ya opération PROMESSE HONNÊTE ya Iran, ico gihugu kimenyesha ko Israël yihenze ngo itere bazoca bayifuta. Yamara, Téhéran yakuye abasirikare benshi bari muri Syrie kubera ko Israël iguma ibicira abategetsi. Bakeyi nibo basigaye mu mugwa mukuru Damas

Israël ntihagarikwa, Netanyahou aheruka kumenyesha ko Hamas yanse kwumva ngo bagiye kuyatsako umuriro bayumvishe Ibiza itari bwumve mpaka Israël isubiranye abantu bayo. Hamas ivuga ko ipfunze aba généraux n'abandi bantu bakomeye mu gisirikare bashika 30

Intambara igiye kwimukira muri Rafah ahantu Israël ivuga y'uko hinyegeje abategetsi ba Hamas. Tsahal yazanye izindi brigades zibiri muri Gaza. Abanyagihugu bo muri Rafah bariko babimurira muri Khan Yunis ahantu Israël yasize ihamvye abantu mu binogo rusangi. Mu ndwi zibiri canke zitatu intambara muri Rafah izoba yasutamye

Abasenga musengere isi ironke amahoro

🌐✉️ Ya enveloppe ntakiyitangira: Inama nkenguzamateka yayemejeNk'uko vyari vyitezwe inama nkenguzamateka ya USA yemeje c...
24/04/2024

🌐✉️ Ya enveloppe ntakiyitangira: Inama nkenguzamateka yayemeje

Nk'uko vyari vyitezwe inama nkenguzamateka ya USA yemeje ca gifovya Ukraine yari yigeze: 61Md $. 75 bayemeje, 17 barayihakana

Joe Biden siwe abona iramushikiriye ngo ayisinye kuko yari ayirindiranye igishika yavuze ati:

Iyi ngingo yerekana ko turi hafi y'abagenzi bacu, ko tugiye guhasha imigwi y'iterabwoba nka Hamas hamwe n'abicanyi nka Poutine

🤷‍♂️Umucunguzi wa Ukraine yabonetse

Amashikirahamwe atanga internet muri Mali ategerezwa gusigura igituma imisi yose umuyangankuba ucitse  internet ica igen...
24/04/2024

Amashikirahamwe atanga internet muri Mali ategerezwa gusigura igituma imisi yose umuyangankuba ucitse internet ica igenda. Nta groupe électrogène bafise ? Nta shobora kugura internet 4G kandi ari amashikirahamwe mpuzamakungu ? Gute umunyagihugu mutoyi yigurira groupe électrogène ariko ishirahamwe rikabinanira? Kuberiki umunyagihugu agura umutekero w'ukwezi ukarangira atawukoresheje? Kuva ryari connexion internet ifatanye n'umuyagankuba? Kuva kera hose umuyangankuba wamye ucika ariko connexion yagumaho. Ubwo ababikora ntibashaka kwononera inzego mfatakibanza ?

✍️Assimi Goïta

🌐🟡⚫Inyuma ya Niger, Tchad yasavye ko abasirikare ba USA bava mu gihuguHaraciye indwi uwuserukira ingabo za USA ziri muri...
24/04/2024

🌐🟡⚫Inyuma ya Niger, Tchad yasavye ko abasirikare ba USA bava mu gihugu

Haraciye indwi uwuserukira ingabo za USA ziri muri Tchad yararungikiwe ikete rimusaba gukura ingabo muri Tchad

Umukuru w'ingabo zigwanira mu kirere muri Tchad yavuze ko Leta zunze ubumwe za Amerika zarenze ku masezerano bagiriraniye

Ibirindiro vyo muri Tchad vyabaye urufunguruzo rukomeye OTAN yaronse mu gutera Libye ya Kadhafi

Hari umuntu yakoreye CIA yavuze y'uko ibihugu vya Africa biriko birashira hanze USA mu kwugururira Uburusiya

Tchad ingingo yayo muyakiriye gute ?

🌐🔴Russie: Yakiriye igiturire none arapfunzweTimur Ivanov, icegera c'umushikiranganji wo kwivuna abansi mu burusiya arapf...
24/04/2024

🌐🔴Russie: Yakiriye igiturire none arapfunzwe

Timur Ivanov, icegera c'umushikiranganji wo kwivuna abansi mu burusiya arapfunzwe. Yagirijwe kirya igiturire. Ari hamwe icaha comwagira yomara mw'ibohero imyaka 15

🌐🟡⚫Ubushakashatsi buteye amakenga mu gisirikare ca USAIgisirikare ca USA kimaze gushira mu kigo DARPA( Defense Advanced ...
24/04/2024

🌐🟡⚫Ubushakashatsi buteye amakenga mu gisirikare ca USA

Igisirikare ca USA kimaze gushira mu kigo DARPA( Defense Advanced Research Projets Agency) imiriyoni ijana z'ama dollars

umugambi nyamukuru ni gukora imibu yica anophèles ( imibu itera Malaria). Intumbero ni kurandura iyo mibu itera Malaria

Abashakashatsi bo hirya no hino bafise ubwoba bw'uko uyu mugambi ushobora guhindurirwa intumbero mu guhinduka umugambi wo guhitana abantu benshi. Musome umwihwezo wabo mu mpapuro z'ibanga twabashikiriye kuri Telegram(https://www.facebook.com/100085237471772/posts/245235018327746/?app=fbl)

🌐🇬🇧 Tugiye kuza turabona abimukira hakurya ya kanyaruLeta y'ubwongereza igiye kuza iraha amafranga menshi igihugu c'urwa...
24/04/2024

🌐🇬🇧 Tugiye kuza turabona abimukira hakurya ya kanyaru

Leta y'ubwongereza igiye kuza iraha amafranga menshi igihugu c'urwanda mu mugambi wo kurungika abimukira muri co gihugu gifatwa nk'igihugu kibereye kwakira abimukira

Rishi Sunak, umushikiranganji wa mbere yavuze y'uko ubwongereza buzokwirengagiza ingingo z'ama sentare yo mu bwongereza hamwe na sentare y'ubumwe bwa buraya yavuze ko iyo ngingo itabereye

Sunak yavuze y'uko iyo ngingo idahonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu. Iyi ngingo yari yasubijwe inyuma kuva kera kuko yari yatanguye kujaho kuva kuri Boris Johnson

Mu mezi atatu canke ane, abimukira ba mbere bazoba bash*tse mu Rwanda

🌐🟡⚫ Sénégal : Basabwe kuvuga uko bakoresheje amaheray mu myaka itanu itangiyeUmukuru w'igihugu ca Sénégal Bassirou Dioma...
24/04/2024

🌐🟡⚫ Sénégal : Basabwe kuvuga uko bakoresheje amaheray mu myaka itanu itangiye

Umukuru w'igihugu ca Sénégal Bassirou Diomaye Faye yasavye inzego zitatu :Cour des comptes, inspection général de l'État, cour de lutte contre la fraude et la corruption kumuha rapport y'ivyo bakoze mu myaka itanu irangiye
Faye kandi yavuze ko hagiye kuba ubugenzuzi mu bushikiranganji butandukanye kugira ngo barabe uko ubushikiranganji bukoresha uburyo buhabwa

Mu gihe ejo Faye yari yakiriye umukuru wa UE Charles Michel, yamenyesheje y'uko Sénégal igiye gusubiramwo uburyo ikorana na UE. Sénégal yipfuza imigenderanire ibihugu vyose bikuramwo inyungu kandi vyubahana

🌐🟡⚫Ubu nyene Ukraine igombe ironke ibigwanisho rurangizaIyi nkuru tuyanditse tutaramenya ko inama nkenguzamateka yemeje ...
24/04/2024

🌐🟡⚫Ubu nyene Ukraine igombe ironke ibigwanisho rurangiza

Iyi nkuru tuyanditse tutaramenya ko inama nkenguzamateka yemeje ya enveloppe ariko nta nkeka biracamwo

Iyi enveloppe yaziye neza Ukraine tuzoguma tubashikiriza ibintu Kiev igiye kwunguka biciye muri iyi enveloppe gushika umusi izosubira gutanguza ibitero vyo kwigaranzura Uburusiya

Birumvikana ko ikibazo ca mbere co gukemura ari kugura ibisasu vyari vyarabuze

Inama nkenguzamateka igiheza kwemeza, Ukraine ica itangura guhabwa ubwo nyene ibigwanisho. Ivyo Biden yaravyemeye. Abarusiya baramaze kurabukwa ibiduga vy'intambara biri muri Pologne.

Ikitaramenyekana ni uko ATTACMS zizoba zirimwo ariko ivyitezwe ni: ibisasu, ubwirinzi bw'ikirere, jeeps Humvee, ibiduga bitwara abasirikare M113, Bradler,...

Ibihugu vya buraya vyovyo biracatinya kurungika ubwirinzi bw'ikirere : Pologne, UK, Espagne, Pays-Bas... baririnze kugira ico bemeye. France & Italie baremeye ariko ntibarerekana ingene bazobutanga. Grèce isaba USA kuyiha garanties ko Turkiya itazotera ico gutyo izoca itanga Patriot PAC-3. Uwahora ari umushikiranganji wa mbere wa Pays-Bas yemeye ko igihugu ciwe kizogurira mu bindi bihugu ubwirinzi kizoha Ukraine

Tukiri aho, umushikiranganji wa mbere wa pologne yashwaniye président kubona yarihuse kwemera ko igihugu gishobora kwakira ibigwanisho ruhonyanganda. Donald Tusk yavuze y'uko ico ari ikibazo co kwitondera président yihuse kuvuga

Ku mirongo y'urugamba ibintu ntivyifashe neza, Ukraine iriko iratakaza uturere twinshi. Hirya y'ejo Uburusiya bwasambuye post de télévision muri Kharkiv. Ni post yarimwo ubwirinzi bw'ikirere. Abasore ba Poutine barafashe kandi char léopard. Kuva ejo naratanguye kwiga uko imeze. Shoigou yemeye y'uko Uburusiya bugiye gushira ku rugamba système S- 500( missiles à longue portée, système antimissile)

Kuva uno musi muri Ukraine yatumyeko abantu bose bafise imyaka yo kugwana kuva mu ma ambassade barimwo mu bihugu vya buraya

Les amis, turasubira mu zindi nkuru ziza kuba ari nyinshi uno musi

🌐📖 Umusi mpuzamakungu wahariwe igitabuMwiriwe nezaUyu ni Umusi mpuzamakungu wahariwe ibitabu. Murashobora kudusangiza ub...
23/04/2024

🌐📖 Umusi mpuzamakungu wahariwe igitabu

Mwiriwe neza

Uyu ni Umusi mpuzamakungu wahariwe ibitabu. Murashobora kudusangiza ubucuti mufitanye n'ibitabu. Twebwe twashimye kubasangiza iyi nkuru y'umwana wo muri Algérie, muri 2020 yari amaze gusoma ibitabu 276

Mu gihugu ca Algérie hari umwana yatangajeabantu benshi. Ku myaka umunani yari amaze gusoma ibitabu 276. Ntibisanzwe. Nkuko tubisoma mu kinyamakuru Dzair Aily co muri ico gihugu, uwo mwana yivugira ko gusoma ari umuhamagaro wiwe.

Mubushikirangaji bw'indero barateye intege ico gitangaza c'umwana baca bamwemera kubaho ubuzima bwiza. Bavuga ko uwo mwana atanze akarorero kuri benshi. Niwe we mwana wa mbere muri Afrika amaze gusoma ibitabu vyinshi akaba uwa kabiri kw'isi.

None ubwo abana hano iwacu baracasoma? Ubwo télévision ntiyasubiriye igitabu? Programmes baraba ni izibigisha koko? Inkuru yuwo mwana muyakiriye gute? Hari ubundi bumaro muzi bwo gusoma ukiri muto canke ukuze?

"Nimba Mali icihagazeko, nimba Burkina Faso na Niger bigihagaze bivuze y'uko natwe umusi umwe tuzokwikurako abayanyabura...
23/04/2024

"Nimba Mali icihagazeko, nimba Burkina Faso na Niger bigihagaze bivuze y'uko natwe umusi umwe tuzokwikurako abayanyaburaya. Tuzohera ku bufransa. Ndasaba abanyagihugu banje kubimfashamwo"

Patrice Talon ( Bénin)

🌐📨Iyi enveloppe igiye guhindura ibintu vyinshi muri Ukraine, Voledymr ZelenskyInyuma y'aho Inkuru nziza isamiraniye i Ki...
22/04/2024

🌐📨Iyi enveloppe igiye guhindura ibintu vyinshi muri Ukraine, Voledymr Zelensky

Inyuma y'aho Inkuru nziza isamiraniye i Kiev ko baronse ibahasha ya 61Md Zelensky yariruhukije maze aca atanga ubutumwa kuri Kremlin.

Zelensky avuga y'uko Ukraine itazoba nka Afghanistan ya kabiri. USA ngo irerekanye ko igwanira démocratie kandi ko uburongozi bwa USA ata kindi buharanira atari intwaro ibereye. Ukraine ntishobora kuba nka Afghanistan kuko USA izoguma hafi y'abanya Ukraine ( gushika ku munya ukraine wanyuma). Yemeza y'uko iyi enveloppe izotuma Ukraine imera neza mu bintu vyinshi

Iyi enveloppe ish*tse hari hageze ko ibihugu vyo muri OTAN vyinjira mu ntambara. None ubufransa buca bibiheba? Umukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg yavuze y'uko OTAN ata basirikare izorungika muri Ukraine ariko ko hasanzwe hariyo abahanuzi bayo. USA yo yongereje abahanuzi bayo bari ambassade ya USA iri muri Ukraine.

Hariko haravugwa kandi ko OTAN ishaka gushira ibigwanisho ruhonyanganda muri Pologne hafi y'uburusiya. Umukuru w'igihugu ca Pologne yavuze y'uko OTAN ibimusavye atazovyanka

Nk'uko twabivuze mu mwanya uheze, igisirikare ca Ukraine buca gihabwa kirya gifovya kidafise abantu bagwanira igihugu. Abari kugwana baguma batoroka. Umuntu umwe akorera ku rubibe rw'igihugu avuga y'uko ku musi hatoroka abantu cumi bahunze urugamba. Hari umunya Ukraine yafashwe ajabutse Dniepr ariko ajabuka akoreshe matelas. Baramufashe bamuca amande, matelas baca barayigumya

Ubu tuvugana kandi hariko hategurwa paquet igira 14 y'ibihano bizohabwa Uburusiya. Kimwe mu vyihutirwa ni kureka kugura gaz y'uburusiya. Aha hashobora kubagora kuko kuva intambara igitangura France nimba itari iya mbere iri mu za mbere zaguriye Gaz naturel liquéfié mu burusiya. Ikindi gihugu kizorabwa cane ni ubushinwa. Babwagiriza ko ari bwo bwatumye ibihano ataco bigira Uburusiya. Amashikirahamwe n'abantu bo muri Chine na Corée du Nord nabo nyene bazohanwa

Ariko rero kugeza n'ubu ntibirakunda ko abanyaburaya bakoresha ubutunzi bw'uburusiya bwafatiwe ibihano. Umwanya umwe ngo babona boba bariko barenga amategeko mpuzamakungu, uyundi mwanya babona ifranga ( Euro) ryoca ritererwa icizere, abantu boca bakura imitahe yabo i buraya. Baratinya kandi ko Uburusiya bwokwishurana umujinya kandi umujinya wogira ingaruka mbi ku bihugu vya buraya kurusha kuri Amerika

🌐🟡⚫ Inkuru nziza : Ukraine yaronse ya enveloppeEgo ni igifovya c'amafranga agera ku miriyaridi 61 igihugu ca Ukraine kig...
22/04/2024

🌐🟡⚫ Inkuru nziza : Ukraine yaronse ya enveloppe

Ego ni igifovya c'amafranga agera ku miriyaridi 61 igihugu ca Ukraine kigiye kuronka

Inama nshingamateka ya USA niyo yemeje iyo mfashanyo inyuma y'imisi myinshi irindiriwe. Mbere Zelensky yari atanguye kuvuga y'uko igihugu kigombe gitakaze hafi y'ibintu vyose. Ni inyuma y'aho muri iyi misi, Ukraine itakarije abasirikare benshi kandi Uburusiya buriko bufata ibisagara vyo muri Donestky

Mu burusiya bavuga y'uko iyi mfashanyo igiye kwongereza amaraso y'abanya Ukraine aseseka. Babiravye kandi basanga iyi mfashanyo ahanini ije gukomeza ubutunzi bwa USA kandi ari amahera bazokwishura

Elon Musk yavuze y'uko turi kure y'irangira ry'intambara ahubwo intambara izobaho ibihe vyose. Yabivuze kubera ko bivugwa y'uko iyi enveloppe izotuma Ukraine itanguza ibitero vyo kwigaranzura Uburusiya mu ci.

The Wall Street Journal ivuga y'uko iyi enveloppe ata kintu kinini izofasha Ukraine. Ico izofasha ni gutuma Uburusiya buguma muri positions bwahoramwo. Iyi enveloppe ntikemura ikibazo nyamukuru Ukraine ifise. Ni ikibazo co kuronka abantu baja ku rugamba.

Imbere y'uko enveloppe ishika Uburusiya ngo bushobore gukora ibitero vyihuse vyotuma bwifatira ibice bitandukanye

Hari abashingamateka ba USA bashavuye kuberako mu nteguro yaraye yemejwe USA itashize imbere ikibazo c'umupaka wa Mexique

Ntiharavugwa neza ibigwanisho USA izoha Ukraine ariko muri pentagone bavuga y'uko bafise uburyo ibigwanisho bizoca bishikira Ukraine vyihuse nk'uko babikoze muri kahise

Zelensky nawe yemeye kugwana ku nyungu za USA. Zelensky yavuze y'uko bitakiri ngombwa ko USA ija kurungika abasirikare baja kugwanira OTAN, bahaye ibigwanisho Ukraine ica igwana ku bwa OTAN yose

Mwebwe iyi enveloppe muyakiriye gute?

Abategetsi ba Amerika bemeje y'uko ingabo 1000 ziri muri Niger zizotaha vubaAbanyagihugu  bo muri Niger muravyibuka bahe...
20/04/2024

Abategetsi ba Amerika bemeje y'uko ingabo 1000 ziri muri Niger zizotaha vuba

Abanyagihugu bo muri Niger muravyibuka baheruka kuja mw'ibarabara bafise Ifoto za Poutine basaba ko ingabo za USA ko ziva mu gihugu

🌐⚫🟡Ivyo twamenye ku gitero ca Israël muri iranVyose vyahereye muri Irak hirya y'ejo. USA & Israël bafadikanije gutera  a...
20/04/2024

🌐⚫🟡Ivyo twamenye ku gitero ca Israël muri iran

Vyose vyahereye muri Irak hirya y'ejo. USA & Israël bafadikanije gutera ahahoze ibirindiro vya USA muri Irak. Abasirikare bari kuri ivyo birindiro barakomeretse

Ejo mw'ijoro niho Israël yakoze igitero ca drone ispanah ahantu hari ibirindiro vy'abasirikare bagwanira mu kirere.

Bigitangura Iran yavuze y'uko biketse ikintu mu kirere baca bashira mu kazi ubwirinzi bw'ikirere. Ngo n'ico gituma abantu bumvise ibiturika.

Ibinyamakuru vyo muri Israël n'ivyo vyanditse ku bwinshi ivy'uko Tsahal ihejeje kwihora. Igitero ca Israël cahuriranye n'isabukuru y'imboneza nkuru ya Iran Khamenei. Nico gituma gutuma bagumye bandika ngo: Joyeux anniversaire Khamenei

Hagumye havugwa vyinshi y'uko muri Iran hononekaye vyinshi, ko inama nkuru ya CGRI yakoranye ariko vyose Iran yagumye ibibeshuza

Kera kabaye, Iran yaremeye y'uko Israël yakoze igitero ca drones i Spanah. Bagumye batwenga ukuntu bakoresheje missiles ballistiques bakabishuza utu drones dutoyi. Iran yemeje kandi ko ubwirinzi bw'ikirere bwakoze akazi kabwo.

Hari abantu bari hafi ya Ispanah bavuze y'uko hari ibiturika vyatumye haba umutekano muke. Imbere y'aho vyari vyavuzwe y'uko Israël izotera centrales nucléaires ariko umuryango mpuzamakungu ucungera ivya énergie atomique wavuze ko ata kintu cononekayez i Spanah

Nk'aho ivyo bidakwiye, Israël yakoze ibitero mu bucagucagu bw'ejo muri Syrie. Ibitero vyabandanije muri Irak no muri rino joro

Inzego z'ubutasi zo mu karere zivuga y'uko Israël na Iran bahejeje gukora ibitero vyo gukozanyako. Ariko hirya no hino inkurikizi zitewe n'intambara iri muri Gaza zugama zibinonekeza. Ni Hezbollah iguma ikora ibitero ku birindiro vya Tsahal, ni Israël iguma yica abantu muri Gaza, ni imigwi ifashwa na Iran iguma yicigwa abategetsi,...

Abafise amakuru aruta ayo, muyadusangize

Murakoze

🌐🟡⚫" Ukraine ntivyokunda ko ironka ubwirinzi bw'ikirere nka Israël, Emmanuel Jean-Michel Frédéric MacronMacron avuga y'u...
20/04/2024

🌐🟡⚫" Ukraine ntivyokunda ko ironka ubwirinzi bw'ikirere nka Israël, Emmanuel Jean-Michel Frédéric Macron

Macron avuga y'uko bitokunda ko ukraine ironka ubwirinzi bw'ikirere nka Israël kuko Israël imaze igihe kinini iriko iriga kandi yirihira amafranga y'ubwo bwirinzi

Yamara Olav Sholz avuga y'uko ubudagi bushobora gutanga Patriots zitandatu ubu bwa vuba. Na Jens Stoltenberg arongoye OTAN yavuze ko ariko akora ibishoboka vyose kugira ngo ibihugu vya buraya bitange Patriots na SAMP/T zo gukingira ikirere ca Ukraine

Ubu bufasha nibwo Trump yipfuza. Trump avuga y'uko abanyaburaya aribo bari bakwiye gufasha Ukraine kurusha uko USA ibikora

Kira noneho, inama nshingamateka ya USA yaraye ishigikiye umugambi ugizwe n'imiriyaridi 95 zizohabwa ukraine, Israël na Taïwan. Aha rero Ukraine ishobora guca ironka agahengwe haba mu butunzi no ku mirongo y'urugamba

Mugire weekend nziza

🌐🟡⚫ Yezu yari umuzungu?Ndashimishwa n'ingene mwakiriye inkuru nabashikirije ejo ivuga ku butaka bweranda. Nafashe umwany...
19/04/2024

🌐🟡⚫ Yezu yari umuzungu?

Ndashimishwa n'ingene mwakiriye inkuru nabashikirije ejo ivuga ku butaka bweranda.

Nafashe umwanya ndasoma commentaires zanyu. Naryohewe no kubona urubuga rwacu ruriko rutera imbere mu biyago tugiriranira. Nta bitutsi vyinshi birimwo. Ibi birampimbara. Birakunda ko twiga, tubeshuza, twiyamiriza tudashwanye canke ngo dutukane

Inkuru nari ndayiteguye imisi myinshi. Ndakunda gusoma ibitabu vy'aba savants b'abayahudi, ugaca usanga ariko aratasha umugabo babana. N'ivyo vyatumye ndondera ibijanye na société y'abayahudi b'ubu. Sindaheza. Nzobandanya.

Ariko mwarabajije ibibazo vy'inkoramutima. Nari nipfuje kugaruka kuri bimwe muri vyo.

Benshi baragarutse ku kibazo c'abayahudi b'ubu atari abo mu gihe ca Yezu. Mu kurindira ko nzokora ibiganiro bicukumbuye kuri ico kibazo, nzoba ndabahaye kuri Telegram igitabu citwa COMMENT LE PEUPLE JUIF FUT INVENTÉ ?

Hari abandi bavuze y'uko Abayahudi bukuri ari abirabure. Hari abongerako ko bari abirabure. Kuberiki bbatweretse Yesu w'umuzungu?

Kuri ico kibazo naratanguye gusoma igitabu citwa NOUS SOMMES TOUS DES AFRICAINS. Nzogifatanya n'ubushakashatsi bwa Cheikh Anta Diop buvuga kuri Égyptologie n'ibindi bene ivyo

Ico gihe tuzobona kwishura igituma Africa y'uburaruko ibamwo, abarabu. Mbega hoho harabaho ubwoko bw'abantu bitwa abayahudi ? Batandukanye n'abazungu, abirabure hamwe n'abarabu?

Muri make , tuzokora urukirikirane rw'inkuru zicukumbuye zivuga kuri Israël. Abavuze ivya Yakobo, emwe navyo nyene tuzobicako kuko Israël irafatanye cane na Biblia. Ico tuzokwirinda ni ivangura rishingiye ku rukoba. Ntaho vyodushikana. Mureke tuzokwige.

Nimba wakurikiranye neza, izi nkuru ni imena mutwe. Novuga ngo zizokwihuta noba mbeshe ariko igihe kimwe bizokunda

Ndabashimiye ko mguma mutwereka urukundo. Mugire ibihe vyiza

🌐🔴Inyishu ya Israël❓Hari amakuru ariko aravuga y'uko muri Iran humvikanye ibiturika mu bisagara vyinshiAya makuru Iran y...
19/04/2024

🌐🔴Inyishu ya Israël❓

Hari amakuru ariko aravuga y'uko muri Iran humvikanye ibiturika mu bisagara vyinshi

Aya makuru Iran yayabeshuje. Ngo sivyo Iran yose iratekanye

Netanyahou ariko yavuze y'uko n'ubwo abagenzi ba Israël bayihanuye ko yoreka kwishura Iran ngo cabinet de guerre izokora ivyo yiyumvira

🙏🙏🙏🙏🙏🙏

Ndadavye imbabazi ntitabandanya izi nkuru. Ivyo ndimwo benshi murabizi. Turasubira saa kumi

🌐🟡⚫ Biden yemeye ko igihugu cungukira mu ntambara yo muri UkraineCongrès ya USA igombe isubire kwiga amafranga azohabwa ...
19/04/2024

🌐🟡⚫ Biden yemeye ko igihugu cungukira mu ntambara yo muri Ukraine

Congrès ya USA igombe isubire kwiga amafranga azohabwa ibihugu bigenzi : Taiwan, Israël, Ukraine n'ibindi vyo muri Indochine.

Mike Johnson yavuze y'uko umugambi mushasha harimwo ko Ukraine izosubiza amahera izoba yarahawe

Hamwe iyi ngingo yokwemezwa Ukraine yoca ironka 61Md harimwo 23Md zo gushira mu gisirikare

Igisirikare ca Ukraine kigeze aho umwansi ashaka Ikinyamakuru Politico cavuze y'uko mu ci Ukraine izoba yaratsinzwe kubera abasirikare benshi batizera intsinzi, abantu bari kugwanira igihugu 650,000 baratorotse. Uburusiya bushobora gukora ibitero bikaze Ukraine itazokwikuramwo

Zelensky yaraye atabaje avuga y'uko igihugu catakaje énergie thermique. Abarusiya barasambuye ama centrales yose.

Ibi bintu vyo kwidoga Zelensky amazemwo imisi ntawuzi ko ari co kimwe na ca gihe ibihugu vyari bigitinya kwinjira mu ntambara, aho yirirwa aratabaza maze bakamwumva akaba le chouchou des occidentaux. Nta wuzi ko ari amayeri yo kwerekana ko Ukraine imerewe nabi kugira abantu batange ku bwinshi. Bibaye ari ivyo vya mbere, ukwihagararako kwa Ukraine kwose kuzoba kugire kugwe hasi.

Tukiri kuri ya mfashanyo nyene, Biden yasavye abanyashingamateka gutanga kubera biri mu nyungu zabo. Ngo ikigega ca Leta kiharonkera amahera menshi. Amahinguriro yo mu ma Leta atandukanye aca aronka akazi.. Atanga akarorero ka Patriots zikorerwa muri Arizona, Javealin zikorerwa muri Alabama hamwe n'ibisasu bikorerwa mu ma Leta atandukanye

Yamara umushingamateka Taylor Greene avuga y'uko abantu bashaka kwemeza itegeko riha amafranga ukraine bakwiye kuja kuyifasha ku mirongo y'urugamba

Muri Iran, umukuru wa CGRI yaraye avuze y'uko Iran yakoresheje ibigwanisho biciriritse kandi bishaje. Ubu rero ngo Israël ikatsa umuriro, Iran izoca isokorora missiles zayo kabuhariwe harimwo missiles hypersoniques Fatah-2

Commandant w'ingabo zigwanira mu kirere nawe yavuze y'uko ihuvye igatera Iran izokwiyumvira gukoresha ibigwanisho vyabo bihanitse bisanzwe biri mu mahinguriro ya nucléaire

Iran yaramaze kumenya ahantu hose hari ama centrales muri Israël, Tsahal iciyumvira gutera Iran izosamburira rimwe izo centrales. Iran kandi ivuga y'uko Israël ibitero vya Israël bizoba ivya Iran navyo birimwo, bibera rimwe ako kanya

Mu kwirinda inkurikizi z'igitero ca Israël kuri Iran, USA ngo yoba yemereye Israël gukora intambara yo ku butaka muri Rafah mu bumanuko bwa Gaza ariko igakoresha intambara nkeyi

Murakoze mugire umusi mwiza

🌐🇮🇱 Israël : Ubutaka bw'abaryamana basangiye ibitsinaMwiriwe neza🙋‍♂️Iyumvire ko jewe nanje ko tubonye iyi mvura igabanu...
18/04/2024

🌐🇮🇱 Israël : Ubutaka bw'abaryamana basangiye ibitsina

Mwiriwe neza🙋‍♂️

Iyumvire ko jewe nanje ko tubonye iyi mvura igabanutse, duciye twiyumvira gutembera. Kuberako twemera Allah canke Yahweh duhisemwo kuja gutembera ku butaka bweranda: Israël. Intumwa zivugwa mu bitabu vyeranda dusoma niho zabaye mbere Yesu we yarahavukiye, akuriraho, arabambwa, azutse niho yabaye imisi imbere y'uko yurira mw'ijuru

☝️ Aho hantu ntawutokwipfuza kujayo. Uretse ko ku ba catholica kuja mu bibanza nk'vyo ugasiga utanze ishikanwa bifuta ibicumuro bimwe bimwe ( indulgences)

✍️ Tugishika, ndazi tuzohera i Yeruzalemu. Bazodutembereza Yeruzalemu ya kera, igisengero kitarasubira kwubakwa, iwabo wa ba Marita na Mariya, aho pilato n'a Hérode baba, n'ibindi bintu vyose duhora dusoma muri Biblia. Gutyo ukwizera kwacu tuzumva gukuze.

Nk'aho ivyo bidakwiye, uwuzoba ariko aradutembereza ashobora kutubwira ko yipfuza ko tugenda kuraba Aho Jonas yafatiye ubwato ahunga kuja Ninive, ahantu Paul yazuye Thabita, aho Petro yaherewe ihishurirwa ry'uko inkuru nziza itagenewe abayahudi gusa. Nta handi azoba atujanye atari Tel-Aviv

🤷‍♂️Nimba wewe uzogenda, ikintu ca mbere uzosanga muri ico gisagara ni défilé y'aba LGBT ( ndabisigura muri commentaires). Imisi uzomara Tel-Aviv uzoguma ubona abantu muri Pride Gay : umugore abana n'uwundi mugore, umugabo abana n'uwundi mugabo, umuntu yigeze kuba ari umugore Ubu yabaye umugabo, umugore aryamana n'abagabo benshi agacishamwo akaryamana n'abandi bagore. Ego ukwezi kwa gatandatu kwahariwe abantu bameze gutyo kandi Tel-Aviv hari benshi kurusha ibindi bisagara mw'isi.

🤦🏻‍♂️ Ntuhave wibaza ngo ndiko ndakubihiriza inkuru. Haba namba. Ubutaka bweranda bw'uno musi bwuzuyemwo abatinganyi. Tel-Aviv, umugwa mukuru wa Israël ni co gisagara ca mbere corohereza abaryamana basangiye ibitsina. Hari abavuga ko Tel-Aviv ari aha kabiri mw'isi inyuma y'ikindi gisagara kimwe co muri Amerika

Ubwoko bw'Imana uno musi, bwuzuyemwo ivyaha bimwe kera ubikoze warara wishwe. Muntu ukunda kuvuga ubwoko bw'Imana muri commentaires usanzwe uri umukristu, umenye y'uko abayahudi benshi basenga mw'idini rya kiyahudi. Abakristu ni bake kandi bafise uburenganzira bukeyi bwo gusenga.

Hejuru tuvuze ngo abayahudi. Kenshi iri zina turaryihendako. Abo twari kwita abayahudi ni bakomoka kwa Yuda umuhungu wa Yakobo. Ariko uno musi mu mvugo duhurijeko nabo mu yindi miryango ya Israël tubita abayahudi

Hari umuntu yasomye iyi nkuru aca aca agira ubwoba ukuntu nibaja kumwereka umwe mu bakobwa bagize uruhara mu gusubiza inyuma Hamas atanguye kubaza ko yubatse bazoca bamubwira bati: Ego yubakanye n'uwundi mukobwa agwanira ku mupaka wa Liban

Bagenzi, uko niko ubwoko bw'Imana bumeze muri iyi myaka. Niwajayo ubabwira ivyo kugororoka bashobora kukwihana. Yesu we nta nuwo bazi.

Ibi ntibice bituma bamwe bahora batuka ubwoko bw'Imana muri commentaires bagira inguvu. Ubwoko bw'Imana bwamye bukora ivyaha vy'agahomerabunwa, Imana ikabahana, igasambura n'ivyo bari bishimiye vyose hanyuma amanyama yaraheze ikabashumbusha.

Israël rero buzoguma ari Ubutaka bweranda, Israël izokwama igerereyemwo ubwoko bw'Imana. Bafise amasezerano atazovaho. Ariko kubera ko Imana itarenganya igihe cose bazoba batari mu murongo, ikofe ry'Imana ntibazorikwepa

Iyo dusoma bene izi nkuru turakwiye kugabanya ibishobisho, tukiga kwubahana

Murakoze, mugire umugoroba mwiza

🌐🟡⚫Umudari w'agashimwe ka Nobel woba ugugwa gute kw'isoko?Kuri runo rubuga rwacu turamaze kubabwira inkuru nyinshi zijan...
18/04/2024

🌐🟡⚫Umudari w'agashimwe ka Nobel woba ugugwa gute kw'isoko?

Kuri runo rubuga rwacu turamaze kubabwira inkuru nyinshi zijanye n'agashimwe kitiriwe Nobel. Ariko ntiturababwira ukuntu kavutse, agaciro kawo, ukuntu abakaronka batorwa, igituma abakenyezi ari bake bamaze kukaronka ari bake. Tuzobigarukako

Ubu tuvugana Umudari w'agashimwe kitiriwe Nobel kari kahawe président wa Africa y'epfo James William De Klerk uheruka kwibwa.

De Klerk yaronse agashimwe hambavu ya Nelson Mandela mu mwaka wa 1993. Bamushimiye ku twigoro yagize mu gufasha gukuraho intwaro karyanishamiryango ya apparteid. Yitavye Imana mu mwaka uheze. Ku myaka 85, yahitanywe na cancer yo mu mahaha.

Ubwo umuryango wiwe wari gutembera hanze y'igihugu niho inzu yabo yaterwa bagenda bivye uwo mudari wari muri coffre-fort. Vyatangajwe n'umukenyezi yasize Elita De klerk. Igiporisi caragize amatohoza ariko ntaco catangaje kandi nta muntu n'umwe yahagaritswe.

🏮 Umudari wibwe bivugwa ko woba wari uciye 7300$

🏮 Mu mwaka uheze, Umurusiya yigeze guhabwa ako gashimwe yashize kw'isoko Umudari yari yahawe. Bamuhaye imiriyoni103,5 $

🏮Muri 2014, umunyamerika yitwa James Watson Umudari wiwe yawugurishije imiriyoni 4,8$

🏮 muri 2015, Francis crick Umudari we yawugurishije imiriyoni 2,27$. Ni agashimwe yari yahawe kuberako ari kumwe na mugenzi wiwe Maurice Wilkins ari bo bashoboye kwerekana uko ADN imeze.

Ivyo biciro biri hasi kuberako abayicuruje nka Bose babikoze mu buryo bwo guhombesha. Ubundi Umudari wa Nobel uba urimwo inzabu nyinshi kandi uba ufise icubahiro cinshi

🌐🟡⚫Ninde ahambaye mu gisirikare hagati ya Israël na Iran⁉️Ikibazo kiragoye  kwishura kubera ko iyo uvuze ivyo uba ushats...
18/04/2024

🌐🟡⚫Ninde ahambaye mu gisirikare hagati ya Israël na Iran⁉️

Ikibazo kiragoye kwishura kubera ko iyo uvuze ivyo uba ushatse kubaza uwukomeye muri bo. Ninde yotsinda? Ibikoresho vyabo bimeze gute?

Mu ntangamarara z'ino nkuru turirinda gukoresha ibiharuro vyinshi.

⚫ Iran

Ifise abasirikare 350,000 n'abandi benshi bashobora kwitabazwa umwanya wose.

Kuri Iran hiyongerako imigwi isanzwe iha amafranga ishobora kugwana ku ruhande rwayo. Iyo ni Hezbollah, Hamas n'aba Houtis. Hamwe rero na CGRI iri henshi mu karere kandi ikaba ari yo ihambaye kurusha igisirikare ca Leta

Iran irarusha Israël ubabasha bwa drones Shaed isanzwe yikorera kandi zikaba zizimbutse. Ahantu ikomerera cane ni kuri missiles hypersoniques. Izo iheruka kurasa muri Israël yavuze y'uko zose zash*tse ku ntumbero. Ariko Israël yo yavuze ko hari izo yasamye

Igisirikare ca Iran babagiriza ko gishaje kandi ata ntambara nyinshi kiragwana. Iran kandi nk'uko twabivuze irafise ikibazo c'ahantu iherereye ngo itere Israël

⚫ Israël

Abayahudi bashira amahera menshi mu gisirikare. Uretse ayo bashiramwo USA iba menshi. Israël ifise abasirikare 170,000 n'abandi benshi bashobora kwitabazwa umwanya wose

Ubuhangange bwa Tsahal buri muri technologie ikoresha.

Ariko rero igisirikare ca Israël kirakomeye cane mu ntambara zo mu kirere. Gifise indege zo mu runganywe rwa nyuma. F 16 zo nyene Ukraine yirirwa irasaba, Israël ifise 170, ifise F 35 na F 15 vyose vyo mu runganywe rwa nyuma. Izo zo nyene ni hafi 400

Israël iri hejuru cane ya Iran ku bijanye n'ama Chars ikoresha. Izitwa Merkava zirahambaye cane. Ntiwozigereranya n'iza Iran

Ahantu yikomeje ni ku bwirinzi bw'ikirere. Uretse Iron Dôme ishobora gusama 95% y'ibitero vyose, ifise iyindi système yitwa Arrow hamwe n'ubwirinzi bw'abanyamerika

⚫Ibihugu vyose

✍️Birafise ubwato bw'ingwano bukomeye harimwo ama sous-marins

✍️Birafise ibigwanisho vy'ubumara

✍️ Ubuhangange bwa Iran buhagaze kuri missiles hypersoniques n'amashami ifise mu bihugu bibanyi na israël. Ibishira Israël mu kaga. Hezbollah yo nyene ifise ubushobozi buruta ibisirikare nka bitanu vyo muri Africa biteranye

✍️ Israël ubuhangange bwayo bushingiye kubona yarubatse igisirikare co mu kirere gikomeye hamwe n'ubwirinzi. Ariko ivyo vyose ntaco bimaze idafise abagenzi bayo bayobowe na USA

M.N. -Nta kigwanisho gishobora gutsinda urugamba co nyene
- Ubwinshi bw'abasirikare burahambaye iyo ari ingwano yo ku butaka
- Moral ni ikindi kigwanisho gikomeye
- Ubusazi canke ubutwari bwa ba commandants nibwo butuma vyose bishoboka

Ibi ni ivyamamare bifise ama milliards muri 2024
17/04/2024

Ibi ni ivyamamare bifise ama milliards muri 2024

🌐⚫🟡Israël iracategura igitero co kwihora IranLeta zunze ubumwe zabwiye Israël y'uko zitazoyifasha mu bitero vyo kwishura...
17/04/2024

🌐⚫🟡Israël iracategura igitero co kwihora Iran

Leta zunze ubumwe zabwiye Israël y'uko zitazoyifasha mu bitero vyo kwishura Iran. Ariko Washington iragaruka ikavuga y'uko igiye gushira ubwirinzi bw'ikirere bwinshi mu karere mu kwirinda ibitero vya Iran. Jack Sullivan yavuze kandi ko USA yashiriyeho ibihano bishasha Iran inyuma y'ibitero vyo muri Israël

Iran ku ruhande rwayo, CGRI yatumyeko ambassadeur wa Suisse aserukira USA muri ico gihugu imugabisha y'uko USA ihuvye igafasha Israël izoca iyisenyurirako akarere kose

Hagati aho, Iran yakoze ikindi gitero ca internet mu kigo c'ubushakashatsi muri Israël. Batwaye ama données atari make

Uno musi wahariwe igisirikare muri Iran, umukuru w'igisirikare co mu kirere muri Iran yavuze y'uko Israël iramutse iteye Iran yamaze gutegura Sukhoi-24 zo mu burusiya zo gushira hasi Israël

Poutine yari yaraye avuganye na président wa Iran Ebrahim Raïsi ibijanye n'umutekano mu burasirazuba bwo hagati

Erdogan nawe yasavye ko Netanyahou avaho kubera ko ibiriko biraba biriko biva ku ngingo yagiye arafata kuva ku wa 7 Gitugutu

Netanyahou avuga y'uko igitero ca Israël kizoba igitero gikoranye ubwenge batazoshiramwo ibishobisho. Bagenzi we muri cabinet de guerre bashaka kwatsa umuriro. Abandi bipfuza gukora akantu kumutse. Ibitero vyarahejeje gutegurwa hasigaye utuntu dukeyi

Mu kurindira, duca tuba turasangiza inkuru abandi kugira ngo ejo sa kumi inkuru tuzobashirirako izobone benshi

Mwarakoze kuduhitamwo natwe turabakunda

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when SILVA posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to SILVA:

Videos

Share

Nearby media companies