24/04/2024
🌐🟡⚫Israël- Palestine : imisi 200 intambara itanguye
Intambara yatanguye mw'ijoro ryo ku wa 7 Gitugutu 2023 umusi Hamas yinjira muri Israël igahekura igihugu. Iryo joro nyene niho Israël yatanguza opération yise Iron Swords. Abantu bavuye amayira yose baraje bambariye Urugamba baje guhorera benewabo.
Opération imaze guhitana abantu 35,000 harimwo n'abakozi ba ONU 180
Gaza yarabaye amatongo ariko Hamas iracakomeye. Abategetsi bayo benshi bari mu myobo yo muri Gaza, Israël itashoboye gusambura Mw'isi yose huzuye imyimenyerekano ishigikira Palestine ariko Leta z'ibihugu ziguma zipfunga zongera ziburizamwo abategura iyo myirekano
Nk'uko vyari vyitezwe USA yagumye izibira ikoresheje véto ingingo zose zari zije guha ijambo Palestine. Yamara ejo bundi hariyumviriwe gushiriraho ibihano abasirikare ba Tsahal kubera amabi bakoze cane cane muri Cisjordanie. Israël yaciye ikoma induru, nkeka USA Yarabihevye, itabihevye n'aho tuzobona uduhano dutoyi dushobora gufutwa umwanya wose
Mwibuke ko iyi ntambara yatumye Iran n'imigwi isanzwe ifasha( Hezbollah, Houtis,...) basa n'abinjiye mu ntambara. Inyuma ya opération PROMESSE HONNÊTE ya Iran, ico gihugu kimenyesha ko Israël yihenze ngo itere bazoca bayifuta. Yamara, Téhéran yakuye abasirikare benshi bari muri Syrie kubera ko Israël iguma ibicira abategetsi. Bakeyi nibo basigaye mu mugwa mukuru Damas
Israël ntihagarikwa, Netanyahou aheruka kumenyesha ko Hamas yanse kwumva ngo bagiye kuyatsako umuriro bayumvishe Ibiza itari bwumve mpaka Israël isubiranye abantu bayo. Hamas ivuga ko ipfunze aba généraux n'abandi bantu bakomeye mu gisirikare bashika 30
Intambara igiye kwimukira muri Rafah ahantu Israël ivuga y'uko hinyegeje abategetsi ba Hamas. Tsahal yazanye izindi brigades zibiri muri Gaza. Abanyagihugu bo muri Rafah bariko babimurira muri Khan Yunis ahantu Israël yasize ihamvye abantu mu binogo rusangi. Mu ndwi zibiri canke zitatu intambara muri Rafah izoba yasutamye
Abasenga musengere isi ironke amahoro