12/09/2022
🔴 🔵 Amajambo Julian Nagelsman yavuze uno mumenyereza wa Bayern Munich mu rukino bazotana mu mitwe na Fc Barcelona
Julian Nagelsman ati 🎤 : turazi neza Fc Barcelona ariko abakinyi banje narababwiye ko Fc Barcelona yahindutse ubu ifise abakinyi bashasha yazanye bokwibagira ivya kahise kunkino zakahise zaduhuje nabo.
Barcelona yubu ifise ubusatirizi bwayo bwiza ndetse yugara neza muri Défense ifise abakinyi beza bakina hagati nka Pablo Gavi na Pedri.
Kumusi wejo Kimmich na Sabitzer bazokina hagati mu rukino rwo kumusi wejo
Sabitzer n'umukinyi ubu afise urwego rwiza yugara imipira neza tumukeye ejo mu rukino tuzohura na Fc Barcelona.
Julian Nagelsman kuri Roberts Lewandowiski 🎤 : Roberts Lewandowiski n'umukinyi yamye mu munyango wa Bayern Munich
Nzokwishima kumubona ejo ndanamwifurije kuzogira urukino rwiza
Lewandowiski n'umukinyi agorana cane muri attaque ariko si we mukinyi wenyene atavyorosha muri Fc Barcelona hariho n'abandi bigaragaza.