Mwanga Actu

Mwanga Actu Le point sur l'information, l'éducation, la sensibilisation au Burundi et dans la région
(2)

🟣Ishirahamwe UPV ryarerekanye kw'igenekerezo rya 27/03/2023 ibikorwa ryaranguye mu kiringo c'umwaka mu ntegekanyo z'imig...
28/03/2024

🟣Ishirahamwe UPV ryarerekanye kw'igenekerezo rya 27/03/2023 ibikorwa ryaranguye mu kiringo c'umwaka mu ntegekanyo z'imigambi ririko rirarangura mu kiringo c'imyaka itanu

✅Nk'uko vyashikirijwe n'uwujejwe imigambi muri iryo shirahamwe, Horimbere Bélyse, Ibikorwa vyaranguwe hisunzwe umugambi ishirahamwe ryari ryihaye mu bice bitanu ari navyo, Uburimyi n'Ubworozi, Gukingira agateka k’abana, gufungura neza Guteza imbere umukenyezi, Gukingira Ibidukikije hamwe no Gutsimbataza umubano mwiza biciye mu gutatura amatati bidaciye mu ngimba

📌Iryo shirahamwe rero rikaba ryerekanye ibikorwa vyaranguwe mu kiringo c'umwaka mu makomine 12 agize intara za Muyinga, Kirundo, Rutana na Rumonge ( Vumbi, Gitobe, Busoni, Bwambarangwe, Ntega, Mwakiro, Buhinyuza, Budashoka, Butihinda, Burambi na Burengero, Musongati)

✍🏾Muri vyinshi vyakozwe, Uwuserukira imbere y'amategeko ishirahamwe UPV, Méthode Hakizimana yarashikirije nyamukuru vyaranguwe

🔹Ibikorwa vyakoze ahanini ku bijanye n'imigambi y'ukwiteza imbere. Twarigishije abapfasoni Kirundo na Muyinga kwitunganiriza imigambi Y'uburimyi, ubworozi, ubudandaji n'uguhindura ivyavuye mu ndimo Muyinga. Imigambi 45 yarafashwe mu mugongo

🔹Muri Musongati abigeme bavyariye iwabo barashizwe mu ma koperative 3 hama bigishwa umwuga w'ugushona. Haratanzwe ibikoresho vyose bisabwa. Turaherutse gushira umukono ku masezerano n'ubuyobozi bw'indero mw'ikomine ya Musongati ko impuzu abo bigeme bazoshona (uniformes) zizoca zigurwa n'ubwo buyobozi kugira basahirizwe mu buryo bw'ukubandanya biyungunganya

🔹"Mu ntara ya Rumonge Twarashimikiye cane ku bijanye n'ukugwanya ingwara zifatiye ku gufungura nabi. Harashizweho imigwi 37 ku mitumba yose igize amakomine ya Burambi na Buyengero (Groupe de sécurité alimentaire et nutritionnelle) baheza bagafasha kwigisha ivyo gufungura neza. Twarashizeho abafasha mu kwigisha ivy'isuku n'ugufungura neza 37 ku mitumba yose igize ikomine zibiri twakoreyemwo. Twarashizeho imigambi y'imitumba (plans d'actions collinaires) Ingo 267 zifise abana bafise ingwara zituruka ku gufungura nabi bariko barakurikiranwa

🔹" Muri Komine ya Butihinda, abana barenga 400 bariko barafashwa kugira bave mw'ibarabara. Ubuhinga UPV ikoresha ni uko bashizeho abana bahoze mw'ibarabara kugira abe aribo babafasha kwegeranya abandi n'ukubayagisha. Abo rero bakorana imisi yose ku misi ya Mungu bakongera bagakorana n'intwaro. Ubuyobozi bw'indero bukaba bwaratwemereye yuko mu mwaka w'ishure uri imbere. Abashika kuri 19 barasaba gusubira ku ntebe y'ishure... Ico twiyemeje ni ukubafasha kubaronsa ibikoresho vy'ishure n'ibindi vyoba bikenewe kugira basubire kw'ishure bitagoranye"

Turahojeje umuryango w'abamemenyeshamakuru uhejeje kubura imfura muri uwo mwuga ariwe Jimmy Elvis Vyizigiro ariwe yaseru...
21/03/2024

Turahojeje umuryango w'abamemenyeshamakuru uhejeje kubura imfura muri uwo mwuga ariwe Jimmy Elvis Vyizigiro ariwe yaserukira Imbere y'amategeko (Représentant Légal) ikinyamakuru Magazine Jimbere akaba Ari n'umwe mu batanguje Éditions Gusoma

Yitavye umuremyi biturutse Ku ngwara, akaba asize ibibondo bibiri

Kuri uwu w'Imana igenekerezo rya 17/03/2024 abarongoye   Giheta bari bagendeye umugwi ndangakaranga wa AFEPV Giheta mu n...
18/03/2024

Kuri uwu w'Imana igenekerezo rya 17/03/2024 abarongoye Giheta bari bagendeye umugwi ndangakaranga wa AFEPV Giheta mu ntumbero yo kuraba aho igejeje ibikorwa bongera baratanga inyigisho kubijanye n'agateka hamwe n'uburenganzira vy'umwana .
Jean Pierre arongoye AFEPV Giheta ati : "N'umwana arahamagariwe kugira uruhara mw'ikingirwa ry'agateka k'iwe n'akumwana muri rusangi."

🚨Abagendera kw'ibarabara ry'igihugu rya 3 barasaba kwongereza umuvuduko w'ibikorwa vyo kurisanura.🚏 Abenegihugu bahora b...
12/03/2024

🚨Abagendera kw'ibarabara ry'igihugu rya 3 barasaba kwongereza umuvuduko w'ibikorwa vyo kurisanura.

🚏 Abenegihugu bahora bakoresha ibarabara ry'igihugu rya 3 mu kwiyunguruza Bujumbura-Rumonge basaba kwongereza umuvuduko w'ibikorwa kuko basigaye bakoresha ibarabara ry'igihugu ry'7 iyo bariko bagana i Bururi bigatuma umwanya n'uburyo bwo kwiyunguruza vyongerekana.

😔 Urugendo Bujumbura-Vyanda rwamara hagati y'amasaha 2 n'abiri n'inusu, ubu uciye kw'ibarabara ry'igihugu ry'7 rimara amasaha atanu arenga bigatuma n'amafaranga yo kwiyunguruza yongerekanako 5000 canke arenga.

🥙 Iyindi ngaruka nuko abavuye Bururi batagishoboye kwisumira nkuko vyahora mu Rumonge cane cane nk'amamesa, udufi canke uburobe.

👉🏻Abahora bakoresha iryo barabara baringinga abajejwe kurisanura kwongereza ibikorwa kugira bashobore gusubira kurigenderako kugira ibintu bisubire mu buryo kandi boroherezwe bose.

👥 Basomyi, iyi nkuru muyakiriye gute ?

08/03/2024

⛹🏿‍♂️Dynamo BBC kumusi w'ejo bazokina urukino rwabo rwambere. Bazotana mumitwe na Cape town Tigers yo muri Afrika y'epfo sa moya z'ijoro( 19h ) kumasaha ya hano iwacu.

📺Urwo rukino cokimwe n'izindi nkino zisigaye zikazoca ikibiriraho kuri Canal+sport.

🏀Tubibutse yuko atari ubwambere Dynamo bakina nuwo mugwi aho munkino zo mumatsinda muri Elite 16, CTT yabatsinze 76-61.

🤔Dynamo tuyitegeko kubasubiriza mu nkoko?

💁🏿‍♂️Kureka umuco wo gukaraba ku Barundi vyoba biri mu bituma amaso y'imbwa yabaye ikiza hano iwacu.🗣️Ivyo vyashikirijwe...
08/03/2024

💁🏿‍♂️Kureka umuco wo gukaraba ku Barundi vyoba biri mu bituma amaso y'imbwa yabaye ikiza hano iwacu.

🗣️Ivyo vyashikirijwe na Jean Marius Ndavyengenge, umuyobozi w'ibiro bijejwe guteza imbere amagara y'abantu isuku n'isukura mubushikirangaji bw'amagara y'abantu, mu ruganda n'abamenyeshamakuru kukamaro ko gukaraba intoki n'amazi meza hamwe n'isabuni.

😔Yarashikirije impungege ziwe kukuntu abarundi inyuma y'ikiza ca Corona Virus baciye baheba gukaraba kenshi n'amazi meza n'isabuni. Ivyo navyo bikaba biri muvyateye ibiza bimwe bimwe kugaruka hano mugisagara ca Bujumbura.

😷" Gushika uyu musi hariho ubuce bwo mugisagara ca Bujumbura burangwamwo amacinya bivuye kukudakaraba neza n'amazi meza n'isabuni", vyavuzwe na Marius Ndavyengenge aho yibukije ko ivyo mugihe hari ikiza ca Corona Virus bitabaho kubera abantu bakaraba neza.

🤲Yaravuze kandi ko umuntu umwe yanduye ashobora kwandukiza ibintu 5 canke abandi bantu bashika kuri 14. Kubwiwe mirongo umunani kw'ijana vy'ingwara zandukira hagati y'abantu, harimwo amaso y'imbwa, zandukira biciye ku maboko kandi umuntu akaravye neza ashobora kwirinda mirongo ine n'indwi kw'ijana y'izo ngwara.

📢Yaciye aboneraho akaryo ko gusaba abanyamakuru kumufasha guhimiriza abenegihugu kukamaro ko gukaraba n'amazi meza n'isabuni kuko nk'izo ngwara z'amacinya n'amaso y'imbwa zandukira ahanini bivanye no kutabikora.

👀Musomyi nawe uracibuka gukaraba kenshi n'amazi meza n'isabuni ?

y'abantu

👉Urutonde rw'abakinyi  umumenyereza Étienne Ndayiragije azokoresha munkino za gicuti zimirije rwagiye ahabona.🇧🇮 Intamba...
08/03/2024

👉Urutonde rw'abakinyi umumenyereza Étienne Ndayiragije azokoresha munkino za gicuti zimirije rwagiye ahabona.

🇧🇮 Intamba murugamba zirimirije kuja gukina inkino za gicuti zateguwe n'igihugu ca Madagascar itariki 22/03/2024 hamwe no kw'itariki 25/03/2024. Izo nkino zikazobera muri Madagascar nyene.

🤝🏿Mur'urwo rutonde rw'abakinyi 29, harimwo abakina muri Primus league Burundi 4 aribo Bukuru Keita( Aigle noir), Msanga Henry ( Flambeau du Centre), Élie Eldinho Mokono ( Bumamuru FC) na Fred Niyonizeye ( Vital'o FC)

💁🏿‍♂️Harimwo kandi n'abakinyi bashasha bazoba baserukiye Intamba ubwambere nka Nkurunziza Matteo ( umunyegori) akina mucicaro cambere mububirigi🇧🇪na Niyukuri Clauss( myugariro ) akina mucicaro cambere muri Norvège 🇳🇴

👀Haruwo wari witeze utabonyemwo?

🤩🇸🇴Igihugu ca Somaliya cinjiye burundu ishirahamwe ry'ibihugu vy'ubuseruko bwa Afrika.📌Somaliya yarashikirije icemeza ko...
06/03/2024

🤩🇸🇴Igihugu ca Somaliya cinjiye burundu ishirahamwe ry'ibihugu vy'ubuseruko bwa Afrika.

📌Somaliya yarashikirije icemeza ko ishaka kwifatanya n'ishirahamwe rigize umuryango w'ibihugu vy'ubuseruko bwa Afrika ku biro bikuru vy'umunyamabanga kuri uyu wa 04 Ntwarante 2024 ku biro bikuru w'iryo shirahamwe biri muri Arusha i Tanzaniya.

✍️Ishirahamwe ry'ibihugu vy'ubuseruko bwa Afrika ryahora rigizwe na Kenya, Uburundi, Urwanda, repubilika ya Congo, Sudani y'amajepfo, Tanzaniya hamwe n'Ubuganda. Somaliya yinjiye inyuma ya Repubilika ya Congo, ikaba igira 8 muri ivyo bihugu.

👉Dr Peter Mutuku Mathuki, Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe rigize umuryango w'ibihugu vyo mu buseruko, yamenyesheje ko iyinjira ya Somalia muri uwo muryango, rizofasha ico gihugu kwunguka ku migambi y'inyubako, nk'amabarabara, amabarabara y'indarayi eka n'ibindi.

👏🏽Iyo migambi nayo tukaba tuyizi ko ari nkenerwa kandi yorohereza uruja n'uruza rw'ibidandazwa, mu kwongereza imigenderanire, mu kwongereza iyunguruzwa ry'abantu n'ibintu mu karere, arivyo bifasha iterambere rya Somailia eka n'iry'akarere.

👉Igihugu ca Somalia ni co cambere gifise urubibe rurerure rugihuza n'agace k'abarabu, rukaba rupima ibirometero 3000 birenga gato.
Akarere ka Afrika yo mubuseruko koshobora gukoresha urwo rubibe mu gukamisha ubutunzi bwa Somalia, maze bagateza imbere urudandaza rwo muri ako karere, no guteza imbere imibereho y'abanyafrika yo mubuseruko.

👥 Basomyi, twitege iki kuri iryo yinjira ya Somalia mu mu muryango w'ibihugu bigize Afrika y'ubuseruko ?

Actu

😁Urwego nyobozi rwa Febabu ruri muyabira📆Kw'igenekerezo rya 27 Nzero 2024, harabaye inama idasanzwe ya bose muri Febabu....
05/03/2024

😁Urwego nyobozi rwa Febabu ruri muyabira

📆Kw'igenekerezo rya 27 Nzero 2024, harabaye inama idasanzwe ya bose muri Febabu. Muriyo nama baramvikanye ko hokorwa igenzura ry'ubuntunzi (Audit financier) bwakoreshejwe mugihe Febabu imaze itwarwa na komite nyobozi nshasha irongowe na Apôtre Jean Paul Manirakiza

🤔️Inyuma y'iryo genzura harakozwe iyindi nama kuwa gatandatu itariki 2 Ntwarante 2024 igamije kurabira hamwe ivyavuye muri iryo genzura

🔴Muriyo nama kumakuru duhabwa na Ejo magazine, harasabwe ko abagize komite ya Febabu botanga imihoho kubera ko igenzura ryagaragaje gukoresha nabi kw'uburyo

😬Aho kandi twoca tuvuga n'ingorane zaciye zaduka hagati ya Febabu na Akeza Sports yarisanzwe yerekana ikibiriraho inkino za VBL, aho Febabu yishuza Akeza Sport amahera agera ku miriyoni mirongo itatu n'indwi n'ibihumbi amajana atandatu z'amafaranga y'amarundi(37.600.000 fbu)

Ayo mahera avugwa ko yakoreshejwe mukuriha ivyuma hamwe n'ababikoresha mukwerekana ikibiriraho inkino za VBL

📢Akeza Sport, mw'itangazo ryayo ryo k'uruyu wa mbere 4 Ntwarante 2024, yarabeshuje ivuga yuko vyabatangaje cane kumva ico kirego mugihe bazi neza yuko ata vyuma vyo muri Febabu canke umukozi wayo bakoresheje mukwerekana izo nkino

👀Aho tuca twibaza ryari inkino za VBL tuzosubira kuzibona kuri Département des Sports mugihe iyindi myaka iki gihe zaba zaratanguye, canke ku mugwi waserukiye uburundi munkino za BAL, ivyo biriko biraba ntibizohava bibasamaza ?

🤔Musomyi kubwawe ibi bintu ubivugako iki ?

💡 Isuku ry'igisagara ni igikorwa ca bose. Umwenegihugu wese abishizemwo uruhara, igisagara cosa neza kandi n'ikaze ku bi...
05/03/2024

💡 Isuku ry'igisagara ni igikorwa ca bose. Umwenegihugu wese abishizemwo uruhara, igisagara cosa neza kandi n'ikaze ku bifuza gugendera ico gihugu.

🎙️Umukuru w'igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana asaba ko igisagara cacu cogira isuku; ko umuntu wese aho abaye, aho akorera, aho akorera isuku ry'isukura ryomuranga. Ivyo yabishikirije mu bikorwa rusangi vyo gusukura hagati mu gisagara ca Bujumbura, itariki 2 Ntwarante 2024.

🧏 Erega umugambi wo gusukura igisagara ca Bujumbura watanguye gukora kuri uyu wa mbere itariki 04 Ntwarante 2024.

✍️ Jimmy Hatungimana yahimirije ko uwo wese ico ahejeje gukoresha gicafuye ko yogita ahagenewe gutabwa ibicafu hamwegereye. Aho yarashimitse cane cane ku wuhejeje kunywa amazi canke jus ko yoca abishira mu gaseke kagenewe imicafu.

Yashimikiye kandi atanga akarorero kurya twitwararika gushira imbere y'impango zacu amazi yo gukaraba mu gihe haza ikiza ca Corona Virus, ariko umwenegihugu wese yokwitwararika kwegeranya imicafu mu gaseke iyo ahejeje gukubura.

📌Iryo sekeza ryo gukora isuku ryatanguye ejo ku musi wa mbere itariki 04 Ntwarante 2024. Jimmy Hatungimana yavuze ko uwo bizonanira bazomuha igitansi kugira bo bavyikorere. Yamenyesheje kandi ko inyuma y'imisi 45 hazokorwa isuzuma kugira abajejewe isuku bose barabire hamwe uko isuku rizoba ryifashe.

Inkomoko : https://lc.cx/HPhjyV

Actu

🇧🇮🇿🇦Dynamo BBC bafashe urugendo rubashikana I Pretoria ️Nkuko twari twarabimenyesheje munkuru yo kuwagatanu uheze, Dynam...
04/03/2024

🇧🇮🇿🇦Dynamo BBC bafashe urugendo rubashikana I Pretoria

️Nkuko twari twarabimenyesheje munkuru yo kuwagatanu uheze, Dynamo yafashe rutemikirere berekeza muri Afrika y'epfo aho bagiye gukina inkino ryo mw'itsinda Kalahari

🛫Umugwi w'abagiye bose hamwe ni 19, bakaba bari bajanye imbere na Nzeyimana Yves batazira T-Mac asanzwe ari muri komite nyobozi ya Dynamo, Julien Chaignot na Olivier Ndayiragije bamenyereza uwo mugwi

️Mubakinyi 12 bazokinira Julien Chaignot🇨🇵 na Ndayiragije Olivier🇧🇮,harimwo : Ndikuriyo Richard Bienvenue 🇧🇮,Nijimbere Joe Guibert 🇧🇮,Alvin Ninziza🇧🇮, Bitigirimbago Derrick🇧🇮,Romis Bujeje🇧🇮, Karabona Clement🇧🇮,Steve Kaze Kuminga🇧🇮, Bryton Hobbs Antonio 🇺🇲, Dhieu Deng🇺🇲🇸🇸, Makhtar Gueye 🇸🇳, Otobo Israël 🇳🇬, Morakinyo Williams 🇳🇬🇬🇧

💪🏿Muriryo tsinda rya Kalahari hakaba hazovamwo imigwi ibiri gusa izoja guhura n'iyindi izoba yavuye mumatsinda ya Nil na Sahara, munkino za "Playoffs" zizobera I Kigali muri Rusama.

👀Musomyi, Dynamo urayiha amahirwe yo gushika muri "Playoffs"?

Inoti z'ijana zishaje ziragisibije🧐Ibanki Nkuru ya Republika y'Uburundi niyo ifise ubushobozi bwo gukora inoti zikoreshw...
01/03/2024

Inoti z'ijana zishaje ziragisibije

🧐Ibanki Nkuru ya Republika y'Uburundi niyo ifise ubushobozi bwo gukora inoti zikoreshwa n'abenegihugu. Ibanki ya Republika y'Uburundi, mu vyo ijejwe harimwo gukora inoti zikomeye, zikingiwe ku buryo butegekanywa n'amategeko agenga ubutunzi bw'igihugu

👉Mu Burundi hari imigwi ibiri y'inoti ; umugwi wa mbere ugizwe n'inoti zikuze : ariwo urimwo inoti z'ibihumbi 5000 n'ibihumbi 10.000. Uwundi mugwi nawo ukagirwa n'inoti : z'ijana, z'amajana atanu, z'igihumbi, niz'ibihumbi bibiri.

😓Inoti zononekaye

🙁Muri iyi misi, haribonekeza inoti z'ijana ijana zononekaye, nyinshi zaratabaguritse kandi usanga zinafise akamoto kadashemeye. Abenegihugu bose baridogera ico kibazo. Aho twagendeye ku gituro c'ama bus yaba ba convoyeur eka n'abakiriya usanga bariko barashwana bapfa izo noti zishaje

N'ubwo zidata agaciro mu mategeko ntibibuza ko uwuyakira yanka gutora inoti itabaguritse aba ari mu mategeko yiwe.

🤔Turavye ku noti tubona ko zakozwe mu mwaka w'2011. Ikibazo twoca twibaza ni Burya inoti zikoreshwa igihe kingana gute ?

Musomyi, mu kurindira yuko Banki nkuru y'igihugu igira ico ivuze kuri ico kibazo, intererano yawe ni iyahe ?

💸Imiliyoni 69,9 z'amafaranga y'amarundi nizo zategekanijwe n'ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ingenzi kugira ngo i...
01/03/2024

💸Imiliyoni 69,9 z'amafaranga y'amarundi nizo zategekanijwe n'ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ingenzi kugira ngo ibibanza ratiro vy'Uburundi bishobore gusanurwa

👉🏻Ivyo tubisanga mu ntegekanyo y'amahera reta y'Uburundi itegura gukoresha mu mwaka wa 2023 ushira 2024

🛑 Ayo mahera akaba azokoreshwa mu gusanura no mu gusubiramwo inyubakwa z'ibibanza ratiro mu gihugu c'Uburundi bishika kuri 250

Basomyi, iyi nkuru muyakiriye gute ?

🇧🇮 🇿🇦 Dynamo BBC vuba cane irafata rutemikirere berekeza Pretoria😎Dynamo BBC inyuma yo gutwara igikombe ca VBL hamwe no ...
01/03/2024

🇧🇮 🇿🇦 Dynamo BBC vuba cane irafata rutemikirere berekeza Pretoria
😎Dynamo BBC inyuma yo gutwara igikombe ca VBL hamwe no kwitwara neza munkino za Road to BAL na Elite 16, hageze ko bakina BAL nyezina.

⛹🏿‍♂️Dynamo murizo nkino izoba iri mw'itsinda rya Kalahari rizokina inkino zayo i Petroria mugihugu ca Afrika y'epfo. Twobibutsa yuko muriryo tsinda harimwo iyindi migwi nka Cape town Tigers yo muri Afrika y'epfo nyene, FUS de Rabat yo muri Maroc na Petro Luanda yo muri Angola.

💪🏿Tubibutse yuko Dynamo ariwo mugwi wo mu Burundi wambere ugeze kuri iyo ntambwe. Aho Newstar n'Urunani vyari vyankiye muri Elite 16.

🤝🏿Nk'uko uwurongoye uwo mugwi yabivuze igihe batahuka bahejeje kuronka uburenganzira bwo gukina izo nkino, barazanye abakinyi bakomeza umugwi baguma bakora n'imyitozo myinshi muntumbero yo kwitegurira neza izo nkino za BAL. Ivyo bikaba vyaratumye abafana n'abakunzi b'umukino wa Basketball muburundi bizera ko bazohava bigenza neza nkuko babitweretse munkino zo kurondera itike.
🥳Dynamo yarateguye kandi kumusi w'ejo guhera isaha z'ine akaryo kubafana ko guhura nabo iryanyuma imbere yuko bafata urugendo berekeza aho i Pretoria.

💁🏿‍♂️Musomyi kubwawe uraha amahirwe Dynamo?

Abana bagera ku 200 bo muri Komine   barahimirijwe ku mategeko abakingira ============================Biciye mu mugambi ...
28/02/2024

Abana bagera ku 200 bo muri Komine barahimirijwe ku mategeko abakingira
============================

Biciye mu mugambi "Bakure Neza" uriko urangurwa n'ishirahamwe AFEPV muri komine Muha ku mfashanyo y'Ubumwe bwa Buraya biciye ku mashirahamwe Save the Children International na SOJPAE-Burundi , haratunganijwe ikiyago c'ukwigisha abana amategeko abagenga

Intumbero y'ico kiyago yari iyo kwigisha abana ibijanye n'agateka kabo n'amategeko abakingira mu buzima bwa misi yose. Abana baronkeswe izo nyigisho barahimbawe cane kuko bahavuye bamenye ko bafise amategekeko abakingira kandi ko bashobora n'ukwitabariza mu gihe bagize ingorane zihungabanya agateka kabo

Ico gikorwa cari catewe iteka n'umuhanuzi wa Musitanteri ya Komine Muha muvyo ajejwe harimwo Imibano n'amategeko. Mw'ijambo yashikirije, yaramenyesheje yuko Intwaro ishima cane ingene ikorana n'ishirahamwe AFEPV mu gisata c'ugukingira agateka k'abana kandi bakizera ko n'ayandi mashirahamwe akwiye kurabiraho akarorero keza kugira abana bakingirwe biruhirije

Uwaserukiye ishirahamwe Save The children Laura Dominguez Pires akaba ari nawe arongoye umugambi "Bakure Neza" yarashimiye ishirahamwe AFEPV ko ryashoboye gusubiza kuntebe y'ishure abana ba ntahonikora bagera kuri 36 maze ikabashira kw'ishure ENR Gisyo ari naho habereye ico kiyago. Yarongeye kandi ahamagarira abana gukunda ishure kuko riheza rikabafasha mu kwiteza imbere

Uwuserukira imbere y'amategeko ishirahamwe AFEPV, Jean Claude Nsabumuremyi risanzwe rikora mu bijanye n'ugukingira agateka k'abana arashima cane ubufasha iryo shirahamwe rironswa kugira ngo rishobore kurangura umugambi neza muri Komine ya Muha

Twobamenyesha ko abana baronkejwe udutabu turimwo amategeko abagenga, ingene bashobora gutabaza iyo bashikiwe n'ingorane zihungabanya agateka k'abo

  : abakozi b'ikigo ANAGESSA baridogera ico kigo kubera ibura ry'ibikoresho vyo   kwikingira Ku miti y'ibiterwa ikoreshw...
28/02/2024

: abakozi b'ikigo ANAGESSA baridogera ico kigo kubera ibura ry'ibikoresho vyo kwikingira Ku miti y'ibiterwa ikoreshwa mw'ibikwa ry'ibigori

🛑Umugambi wo kwegeranya umwimbu w'ibigori watanguye kw'igenekerezo rya 19/02/2024 uriko urangurwa n'ikigo ANAGESSA kijejwe kubungabunga ivyegeranywe vy'imfungurwa mu ntara ya Gitega. Muri uyo mugambi nyene harahawe akazi abakozi bafasha muri ico gikorwa

🥲Yamara, abo bakozi barasaba cane yuko boronswa ibikoresho vy'ukwikingira imiti ikunzwe gukoreshwa mw'ibikwa ry'umwimbu muri ANAGESSA. Aho baravuga nk'impuzu zibarinda kwanduzwa n'iyo miti, ubufukamunwa, ibirato, n'ibindi

👉🏻Abakuru bico kigo bajejwe igisata co kwegeranya umwimbu bamenyesha ko bamaze gutanga ico ciyumviro co kurondera ibikoresho vyo gukingira abakozi ku babakurira

Musomyi iyi nkuru muyakiriye gute?

🤔Ubwo icikagurika ry'amatara rimaze imisi ryibonekeza mu gihugu cacu ryoba rigiye kugabanuka ?🤝Uburundi, Urwanda na Tanz...
28/02/2024

🤔Ubwo icikagurika ry'amatara rimaze imisi ryibonekeza mu gihugu cacu ryoba rigiye kugabanuka ?

🤝Uburundi, Urwanda na Tanzaniya nivyo bihugu bizokoresha urugomero Rusumo Falls rufise inkomezi zingana na Mégawatts 80. Ivyo bihugu uko ari bitatu biriteguriye kwugurura icese umugambi vyashize hamwe wo gushinga urugomero.

📌 Ku bwa M. Alloyce ODUOR, akurikirana uwo mugambi, urwo rugomero rutanga muri rusangi ama megawatts y'umuyagankuba 80; igihugu kimwe kimwe kikazoronka mégawatts 26.6. Inyubako zitanga uwo muyagankuba zarizweko bikwiye kandi zirakora neza. Ibikorwa vyo kubaka urwo rugormero bigeze ku bice 99.9%

😎Urwo rugomero rukazotangura gukora neza na neza muri uyu mwaka turimwo mu kwezi kwa Ndamukiza.

Basomyi, Iyi nkuru muyakiriye gute ?

actu

 :🤨 Bamwe mu benegihugu ngo ntibakiriye neza ingingo ya Buramatari yo guhagarika ba  .🤔Muribuka inkuru twari twabashikir...
27/02/2024

:
🤨 Bamwe mu benegihugu ngo ntibakiriye neza ingingo ya Buramatari yo guhagarika ba .
🤔Muribuka inkuru twari twabashikirije y'abo bita ba canke ?
Yisome hano: https://www.facebook.com/100081918866596/posts/375518468522112/?app=fbl
Mw'itangazo yasohoye kuwa 21/02/2024 Buramatari w'i Makamba yarahagaritse ibikorwa vyaba yongera aragabisha ko uwo wese yofatwa abashingira impigí azohanwa.
Bamwe mu banyagihugu b'i Makamba bavuga ko bari batoye agahengwe kuva Aho ba Kamuchape baziye bakaza baratutumura ibirozi vyari bibageramiye bakipfuza ko bobareka bakabandanya bakora.

Ariko naho biri uko, amategeko y'Uburundi ntiyemera ivyo "bintazi" nk'uko Buramatari w'i Makamba yavyibukije mw'itangazo ryiwe.

Musomyi,kubwawe bite?

  : Ba jeunes aya mahirwe ntabacike☺️Mwoba muzi umuntu ahakana canke adatahura ingorane zifatiye kw'ihindagurika ry'ibih...
26/02/2024

: Ba jeunes aya mahirwe ntabacike

☺️Mwoba muzi umuntu ahakana canke adatahura ingorane zifatiye kw'ihindagurika ry'ibihe? Karibu mw'ihiganwa aho urwaruka rw'isi yose ruriko ruratanga ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n'ihindagurika ry'ibihe

🤔Muti amahirwe noyacakira gute? Musabwe gufata akareresi gato kerekana uko mwotahuza umugenzi adatahura canke yirengagiza ingorane z'ihindagurika ry'ibihe

📲Iyo reresi muca muyishira ku rubuga nkoranyambaga "Goodwall" mushobora kuronka kuri Play Store canke App Store

💵Mushobora gutsinda amahera agera kuma dorare ijana y'amanyamerika (100Usd). Ihiganwa rizorangira igenekerezo rya 1/03/2024

Gushika uyu musi, haracari amategeko yagiyeho kera atakijanye n'ibihe tugezemwo.  📻Ivyo tubisanga mw'itangazo ryasohowe ...
26/02/2024

Gushika uyu musi, haracari amategeko yagiyeho kera atakijanye n'ibihe tugezemwo.

📻Ivyo tubisanga mw'itangazo ryasohowe n'inama nshikiranganji kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21/02/2024. Inama nshikiranganji yariko yihweza integuro z'amabwirizwa ahindura itegeko-bwirizwa inomero 1/23 ryo kuwa 26 Mukakaro 1988 rishinga amategeko agenga amashirahamwe ya Reta hamwe n'itegeko bwirizwa inomero 1/24 ryo kuwa 13 Mukakaro 1989 ryerekeye amategeko akurikizwa n'ibisata vya Reta vyitunganiriza ibijanye n'intwaro hamwe n'ikigega.

📌Intumbero nyamukuru y'iyo nama yari iyo kurabira hamwe uko amategeko ya kera yohindurwa kugira yubahirize ibijanye n'intwaro ibereye biheze bifashe amashirahamwe ya Reta ngo atwarwe neza yongere anagwize umwimbu

✅Bimwe muvyashikirijwe murizo nteguro n'uko:

1️⃣Amafaranga ishirahamwe rya Reta rikoresha ategerezwa kwisunga ikiringo gihuye n'amafaranga aba yategekanijwe kuzokoreshwa mu mwaka (Budget Programme)

2️⃣Mu bindi vyashikirijwe muri iyo nama, hasabwe yuko Reta ari yo yobazwa ibijanye n'amasezerano ishirahamwe rya Leta riba ryaragiriraniye n'ayandi mashirahamwe. Ariko ivyo bikaba hatirengagijwe ko abari bajejwe iryo shirahamwe rya Leta bashobora kubazwa ivyo Leta yarishe bivuye ku makosa yabo

🤔Aho twokwibuka nka Onatel aho muri 2021, Reta yamenyesheje ko idashobora guhemba abakozi bayo kubera aribo nyene bayihombesheje amahera yategerezwa kugaruka akabahemba kandi yarifise ivyuma bikwiye kandi bikomeye.

👀Ayo mabwirizwa mashasha yoba agiye gutuma amashirahamwe ya Reta yahomvye ashobora kwinagura?

Basomyi, kira ama bus abataburira agahuzu canke akanabakomeretsaMwarababwiye barumvise. Igipolisi kijejwe uruja n'uruza ...
16/02/2024

Basomyi, kira ama bus abataburira agahuzu canke akanabakomeretsa

Mwarababwiye barumvise. Igipolisi kijejwe uruja n'uruza mu mabarabara ciriwe mu gikorwa coguhagarika ingendeshwa zunguruza abantu zishaje

Izo modoka zidakwije ivya ngombwa zose zaciye zirungikwa mu kigo Otraco kugira zikorerwe Contrôle Technique

 : 🗣️Mu ntara ya Makamba haravugwa abantu biyita ba   bakora igikorwa co kugaragaza abarozi nokwica ibirozi.Kw'itariki 1...
13/02/2024

:
🗣️Mu ntara ya Makamba haravugwa abantu biyita ba bakora igikorwa co kugaragaza abarozi nokwica ibirozi.

Kw'itariki 12/2/2024 ngo bari bazindukiye kumutumba wa komine Aho bagaragaje abarozi abantu baratangara.
Ivyo bikorwa vya ba abandi batazira ba vyarateye uruhagarara gushika aho umwe mubagira batutumurwe yatabaza igipolisi naco kikakaba kitatevye gutabara.
Abari ngaho batumenyesheje ko cazira yuko ufata isanamu ahandi ho ngo téléphone yaca izima.
Abo ba bivugwa ko baturuka mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya bagakoresha ururimi gw'igiswahili
ngo bari bamaze no kwibonekeza muri Komine # kibago kumitumba ya na .

✍️Ivyo biba mugihe kuwa 22/01/2024 Buramatari w'i NCUTINAMAGARA Tantine yari yagirishije inama abasanzwe bakorera ubuzi muri iyo ntara kugira barabire hamwe ikibazo c'umutekano akaba yari yibukije abanegihugu kuvavanura n'abahendesha ibintazi ngo batutumura amarozi,canke abakoresha ubundi bukorikori co kimwe n'ababisha uruyeri.

Bamwe mu baba Aho ivyo bimaze imisi bibera bavuga ko bipfuza Ko abo ba Nije babandanya igikorwa Kuko ngo iyo ntara yavurwamwo uburozi n'amangetengete cane ngo kumbure hoboneka agahengwe.

08/02/2024

😍Yitwa Youssouf Ndayishimiye. Benshi bamuzi ku zina ry'ubuhizi rya "Nyange"

😎Ni mwirabire ingene uwu musore avyifatamwo iyo ariko arakinira mu mugwi OGC Nice hariya mu gihugu c'ubufaransa

 : Umupolisi wo ku kirindiro c'i jimbi muri Komine Kibago yagirizwa gufata kunguvu akana k'agakobwa k'imyaka itandatu ya...
03/02/2024

:
Umupolisi wo ku kirindiro c'i jimbi muri Komine Kibago yagirizwa gufata kunguvu akana k'agakobwa k'imyaka itandatu yaciriwe gupfungwa ubuzima bw'iwe bwose n'indishi yakababaro y'imiriyoni zitanu z'amafaranga y'amarundi.kuri Ico gihano hiyongerako kwakwa uburenganzira bw’umunyagihugu, ubw’abantu n'ivyabo hamwe n'imiryango (interdiction des droits civils et civiques).

Hari mu rubanza rw'ikibiriraho rwo kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 3 Ruhuhuma.

Uwo mu Polisi asanzwe agendana umugera wa SIDA akaba yahakanye ivyo yagirizwa.

Gitega:⚽Mu ntumbero yo kwegeranya urwaruka no kurushigikira,  ishami ry'ishirahamwe   mu ntara yagitega ryararonkeje umu...
02/02/2024

Gitega:
⚽Mu ntumbero yo kwegeranya urwaruka no kurushigikira, ishami ry'ishirahamwe mu ntara yagitega ryararonkeje umupira wo gukina urwaruka rusanzwe rukurikiranwa n'iryo shirahamwe muri Komine Giheta y'intara ya Gitega, ruhurikiye mu mugwi AFEPV FC/Giheta.

🔉Mw'ijambo yashikirije urwo rwarukaNZOSABIMANA JEAN aserukira AFEPV mu ntara ya Gitega yasavye abanyeshure kwigana umwete abatiga nabo akabasaba kwijukira ibikorwa vyo kwiteza imbere no kwishingira imigambi kugira ngo bashobore guhangana n'ikibazo c'ubushomeri gihanze igihugu cose.

🔉"Twashimye kuja hamwe kugira ngo twoye gusanzaza inguvu twongere tugire n'ico dufasha ikibano"Ivyo ni bimwe muvyashikir...
02/02/2024

🔉"Twashimye kuja hamwe kugira ngo twoye gusanzaza inguvu twongere tugire n'ico dufasha ikibano"

Ivyo ni bimwe muvyashikirijwe na Jean Berchimas SIBONIYO aserukira imbere y'amategeko urunani _Burundi Alumnie Association ruhurikiyemwo imigwi yaronkejwe inyigisho n'ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika.
Hari kuri uwu wa Kane igenekerezo rya mbere Nzero 2024 aho ugwo runani gwari ruramutse gwugurura icese ibikorwa vyarwo.

👥Ngo Iyo migwi imaze kwihweza ingorane bahura nazo yashimye kuja hamwe kugira ihuze inguvu n'ubumenyi muguhangana navyo bongere bagire Ico bamariye igihugu n'ikibano.

🕯️Domitila Minani Umuvyeyi w'uwahoze arongoye Igihugu c'Uburundi Nyakwigendera Petero Nkurunziza yashengeye kuri uyu wa ...
02/02/2024

🕯️Domitila Minani Umuvyeyi w'uwahoze arongoye Igihugu c'Uburundi Nyakwigendera Petero Nkurunziza yashengeye kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 2/2/2024, Ku bitaro bikuru vy'i Ngozi

Turahojeje Umuryango wabuze

  : Haravugwa Ikiza c'amaso y'imbwa (conjonctivite virale) Mu bucagucagu bw'uno musi wa kabiri igenekerezo rya 30/01/202...
30/01/2024

: Haravugwa Ikiza c'amaso y'imbwa (conjonctivite virale)

Mu bucagucagu bw'uno musi wa kabiri igenekerezo rya 30/01/2024, ivuriro ry'amaso Clinique de l'Oeil ryazindutse rishikiriza urwandiko ku rubuga X (Twitter) rumenyesha ko hateye ikiza c'amaso y'imbwa

🏥Bimwe mu bimenyetso biranga ingwara y'amaso y'imbwa ni uko amaso atukura, akavamwo amashira, ukumva umengo amaso yuzuye imisenyi canke ukaguma ukorora amosozi

🧼Muhamagariwe gukaraba amazi meza n'isabuni, kwirinda kwiyagaza canke gukora ku maso, mukoreshe udutambara mushobora guta duhejeje gukoreshwa, mwirinde gutizanya ibikoresho vyanyu bwite. Izo mpanuro muzikurikije murashobora gutuma ico kiza kitarandagata

🩺Bish*tse ivyo bimenyetso twavuze aho haruguru bizananye inguvu nyinshi gushika aho bibatera uruhumyi, mwoca mutumbera kwa Muganga w'amaso abegereye kugira abatunganirize

Address

Muyinga
Bujumbura
BADMOND

Telephone

+25766303903

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Mwanga Actu posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Videos

Share

Nearby media companies


Other Media/News Companies in Bujumbura

Show All